Ururirimbo 4
Twiheshe izina ryiza ku Mana
Integuro icapuwe
1. Twebwe twipfuza yuko twironkera
Izina ryiza, tukarigendera.
Nitwakora birya Yehova ashima
Azohimbarwa mu mutima.
2. Gushaka kuba abamenyekana
Ngw’is’idukunde, nta ciza bizana.
Ducuditse n’isi Yehova yotwanka,
Nta kwiyubara kwoturanga.
3. Kwibukw’izina ni na vyo twipfuza
Ryame ryanditswe; ntituzokwicuza.
Dushemej’Imana ata kitunumya,
Izina ryacu tworigumya.
(Raba kandi Ita. 11:4; Imig. 22:1; Mal. 3:16; Ivyah. 20:15.)