Ururirimbo 117
Twigishwe na Yehova
Integuro icapuwe
1. Ingo mwige ivyerekeye Yehova.
‘Ingo munyw’amazi y’ubuzima.’
Ingo mwigishwe n’Imana yacu,
Ukuri kwayo ntizokubima.
2. Ntiduhebe kuja ku makoraniro,
Dutegerezwa kwigishw’ivyiza.
Turahasanga abavukanyi,
Ni ho n’impwem’idudubiriza.
3. Biraremesha kwumva zirya ndirimbo.
Birasosa kwumv’abavukanyi.
Kw’ikoraniro twoye gusiba.
Tuvyamize ku muzirikanyi.
(Raba kandi Heb. 10:24, 25; Ivyah. 22:17.)