- 
	                        
            
            Ni ibiki uzokwungukira ku makoraniro yacu ya gikirisu?Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
 - 
                            
- 
                                        
ICIGWA CA 5
Ni ibiki uzokwungukira ku makoraniro yacu ya gikirisu?
Muri Arjantine
Muri Sierra Léone
Mu Bubiligi
Muri Maleziya
Abantu benshi barahevye kuja gusenga kubera ko bataharonkera impumurizo canke inyishu z’ibibazo bihambaye vyo mu buzima. Ni kubera iki none wokwitaba amakoraniro ya gikirisu atunganywa n’Ivyabona vya Yehova? Ni ibiki uzohungukira?
Akanyamuneza kava ku kuba uri mu bantu bakundana kandi bitwararikana. Mu kinjana ca mbere, abakirisu bari bagabaguwe mu mashengero, kandi baragira amakoraniro kugira ngo basenge Imana, bige Ivyanditswe bongere baremeshanye. (Abaheburayo 10:24, 25) Kubera ko baba bakoraniye ahantu harangwa urukundo, barumva ko bari kumwe n’abagenzi nyakuri, ni ukuvuga abavukanyi na bashiki babo basangiye ukwizera. (2 Abatesalonika 1:3; 3 Yohani 14) Na twebwe dukurikiza akarorero k’abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere, kandi turagira akanyamuneza nk’ako bagira.
Urungukira ku kumenya ingene woshira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya. Muri iki gihe abagabo, abagore n’abana bose barahurira hamwe, nk’uko vyagirwa no mu bihe vya Bibiliya. Abigisha babishoboye barakoresha Bibiliya kugira ngo badufashe gutahura ingene twoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zayo mu buzima bwacu bwa misi yose. (Gusubira mu vyagezwe 31:12; Nehemiya 8:8) Ababa bari ng’aho bose barashobora kugira uruhara mu biganiro vyo guhana ijambo n’abumviriza no mu kuririmba, ivyo bikaba bituronsa akaryo ko guserura icizigiro twebwe abakirisu dufise.—Abaheburayo 10:23.
Birakomeza ukwizera Imana kwawe. Intumwa Paulo yabwiye rimwe mu mashengero yo mu gihe ciwe ati: “[Nda]cambirwa kubabona, . . . kugira habe uguhanahana indemesho muri mwebwe, umwe wese akaremeshwa biciye ku kwizera kw’uwundi, ukwanyu n’ukwanje.” (Abaroma 1:11, 12) Kwama duhurira hamwe ku makoraniro n’abo dusangiye ukwemera birakomeza ukwizera kwacu be n’umwiyemezo wacu wo kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.
Ubona gute witavye ikoraniro ryacu ryimirije kugira ngo wibonere ivyo bintu? Bazokwakirana igishika cinshi. Kwinjira ni ku buntu, ni ukuvuga ko ata mahera atozwa kuri ayo makoraniro.
Ni akarorero akahe dukurikiza mu kugira amakoraniro yacu y’ishengero?
Twebwe ubwacu dushobora gute kwungukira ku kwitaba amakoraniro ya gikirisu?
 
 - 
                                        
 
- 
	                        
            
            Twungukira gute ku kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu?Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
 - 
                            
- 
                                        
ICIGWA CA 6
Twungukira gute ku kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu?
Muri Madagaskari
Muri Norveje
Muri Libani
Mu Butaliyano
Naho twoba tubwirizwa guca mw’ishamba rya manyenye canke igihe ikirere kitifashe neza, turitaba amakoraniro yacu ya gikirisu tudahorereza. Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bagira utwo twigoro two kwifatanya n’abo basangiye ukwemera naho bashikirwa n’ingorane mu buzima canke bakaba barushe inyuma y’ibikorwa vyabo vya misi yose?
Biratugirira akamaro. Mu kwerekeza kuri abo bose twifatanya na bo mw’ishengero, Paulo yanditse ati: “Twiyumvirane.” (Abaheburayo 10:24) Iyo mvugo isigura “kwiyumvira ikintu witonze,” ivyo bikaba bisobanura kumenyana. Ku bw’ivyo ayo majambo iyo ntumwa yanditse aturemesha kwitwararika abandi. Tugerageje kumenya iyindi miryango y’abakirisu, turamenya ko bamwebamwe mu bari muri iyo miryango bashoboye gutsinda ingorane zisa n’iziba ziriko ziradushikira maze bakatwereka na twe ukuntu twozitsinda.
Biratuma tugiranira ubugenzi bukomeye. Ku makoraniro yacu duhurira hamwe tutari nk’abazinanye gusa, ariko turi nk’abagenzi bashika. Mu bindi bihe, turamarana umwanya turiko turinezereza mu buryo bubereye. None ukwo kwifatanya kuvamwo ivyiza ibihe? Turiga guha agaciro abandi, ivyo bikaba bituma urukundo dufitaniye rukomera. Gutyo, igihe abo dusangiye ukwizera bashikiwe n’ingorane, duca twihutira kubafasha kubera ko tuba twaramaze kugiranira na bo ubucuti bukomeye. (Imigani 17:17) Igihe twifatanya n’abo turi kumwe bose mw’ishengero, tuba twerekanye ko ‘tubabarana kumwe.’—1 Abakorinto 12:25, 26.
Tukuremesheje kuronderera abagenzi mu bariko barakora ivyo Imana igomba. Abagenzi nk’abo uzobasanga mu Vyabona vya Yehova. Turagusavye ntureke ngo hagire ikintu na kimwe kikubuza kwifatanya natwe.
Ni kubera iki kwifatanya n’abandi ku makoraniro bitugirira akamaro?
Ubona uzoza kwifatanya n’ishengero ryacu ryari?
 
 - 
                                        
 
- 
	                        
            
            Amakoraniro yacu atunganijwe gute?Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
 - 
                            
- 
                                        
ICIGWA CA 7
Amakoraniro yacu atunganijwe gute?
Muri Nouvelle Zélande
Mu Buyapani
Mu Buganda
Muri Lituwaniya
Amakoraniro ya gikirisu yo mu kinjana ca mbere yaba agizwe n’indirimbo, gusenga be no gusoma Ivyanditswe no kubiganirako; muri ivyo vyose akaba ata kintu na kimwe kijanye n’ivy’imigenzo cajamwo. (1 Abakorinto 14:26) Ukwo ni ko uzosanga bigenda no ku makoraniro yacu.
Higishwa ibintu bishingiye kuri Bibiliya kandi vy’ingirakamaro. Ku mpera y’umushamvu, abagize ishengero barahurira hamwe kugira ngo bumvirize Insiguro ishingiye kuri Bibiliya imara iminuta 30, ikaba yerekana ingene Ivyanditswe bivuga ibintu bifitaniye isano n’ubuzima bwacu be n’igihe tubayemwo. Umwe wese mu baba bitavye iryo koraniro araremeshwa gukurikira muri Bibiliya yiwe. Inyuma y’iyo nsiguro haca hakurikira Inyigisho y’“Umunara w’Inderetsi” imara isaha imwe, aho abagize ishengero basabwa kugira uruhara mu kiganiro c’ibibazo n’inyishu kiba gishingiye ku nteguro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi. Ico kiganiro kiradufasha kubona ingene twoshira mu ngiro ubuyobozi Bibiliya iduha mu buzima bwacu. Usanga twiga ikiganiro kimwe mu mashengero yacu arenga 110.000 ari hirya no hino kw’isi.
Aradufasha kuryohora ubuhanga bwacu bwo kwigisha. Turahurira hamwe kandi ku rindi koraniro rigizwe n’ibice bitatu ryitwa Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu rishingiye ku gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu gasohorwa buri kwezi. Igice ca mbere c’iryo koraniro ni Ubutunzi bwo mw’Ijambo ry’Imana. Kiradufasha gutahura neza igihimba kanaka co muri Bibiliya ishengero riba ryarahawe gusoma imbere y’igihe. Haca hakurikira igice kivuga ngo Niwijukire igikorwa co mu ndimiro. Kiba kirimwo imyerekano itwereka ingene twokwigisha abandi Bibiliya. Uwuba ahagarikiye iryo koraniro aragira ivyo ashikirije kugira ngo adufashe kurushiriza kuryohora ugusoma kwacu be n’ubuhanga bwacu bwo kwigisha. (1 Timoteyo 4:13) Igice ca nyuma ni Ubuzima bw’umukirisu. Kiratwereka ingene twoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwacu bwa misi yose. Kirimwo kandi ikiganiro c’ibibazo n’inyishu kidufasha gutahura Bibiliya mu buryo bugera kure.
Niwitaba amakoraniro yacu, nta gukeka ko uzokorwa ku mutima cane n’inyigisho nziza zishingiye kuri Bibiliya uzoharonkera.—Yesaya 54:13.
Ni ibiki uzokwumva ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova?
Ni ikoraniro irihe mu yo tugira buri ndwi ubona ko wokwitaba ubutaha?
 
 -