-
Beteli ni iki?Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
-
-
ICIGWA CA 21
Beteli ni iki?
Urwego rujejwe ivyo gushushanya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
Mu Budagi
Muri Kenya
Muri Kolombiya
Beteli ni ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “Inzu y’Imana.” (Itanguriro 28:17, 19) Birabereye ko inyubakwa z’Ivyabona vya Yehova ziri hirya no hino kw’isi ziyoborerwamwo kandi zigatunganirizwamwo igikorwa co kwamamaza, zitirirwa iryo zina. Inama Nyobozi ikorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, maze igacungera igikorwa kirangurirwa ku biro vy’amashami biri mu bihugu bitari bike. Abakorera muri izo nyubakwa bose hamwe bagize umuryango wa Beteli. Nka kurya nyene kw’umuryango, barabana kandi bagakorera hamwe, bagafungurira hamwe, bakongera bakigira hamwe Bibiliya mu bumwe.—Zaburi 133:1.
Ni ho hantu honyene usanga abahaba uko bagize umuryango bitanga babikunze. Kuri Beteli iyo ari yo yose hariho abagabo n’abagore bakirisu bitanze ngo bakore ivyo Imana igomba bongere bakore ivyungura Ubwami igihe cose. (Matayo 6:33) Nta n’umwe muri bo ahembwa, ariko bose barahabwa ibifungurwa n’uburaro be n’agafashanyo kabafasha kwikenura. Uwo ari we wese kuri Beteli aba afise aho akorera, haba mu biro, mu gikoni canke mu buriro. Hari n’abakorera mw’icapuriro, mw’isuku, mw’imesuriro, mu rwego rujejwe kubungabunga ibikoresho kibure ahandi.
Ni ahantu hakorerwa ibintu vyinshi vyo gushigikira igikorwa co kwamamaza Ubwami. Intumbero nyamukuru ya Beteli iyo ari yo yose ni ugutuma abantu benshi bashoboka baronka ibintu bituma bamenya ukuri kwo muri Bibiliya. Aka gatabu ni kimwe muri ivyo bintu. Bihagarikiwe n’Inama Nyobozi, karateguwe, kararungikirwa imigwi amajana y’abahinduzi iri hirya no hino kw’isi biciye ku buhinga bwa elegitoronike, karacapurwa mu buryo bunyaruka cane mu macapuriro yo mu mabeteli atari make kongera kararungikirwa amashengero arenga 110.000. Mu gukora ivyo bikorwa vyose, abagize umuryango wa Beteli baba bariko barashigikira igikorwa cihutirwa kuruta ibindi vyose, na co kikaba ari ico kwamamaza inkuru nziza.—Mariko 13:10.
Ni bande bakorera kuri Beteli, kandi ni ibiki baronswa?
Ibikorwa birangurirwa kuri Beteli bishigikira igikorwa cihutirwa ikihe?
-
-
Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
-
-
ICIGWA CA 22
Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?
Mu Mazinga ya Salomo
Muri Kanada
Muri Afrika y’Epfo
Abagize umuryango wa Beteli bakorera mu nzego zitandukanye, bakitwararika igikorwa co kwamamaza kirangurirwa mu gihugu kimwe canke vyinshi. Hari abo usanga bakora igikorwa c’ubuhinduzi, ico gucapura ibinyamakuru, ico guteranya ibitabu, abakorera aho ibitabu bibikwa, hakaba abakora igikorwa co gutunganya amayagwa yo kwumviriza be n’ayo kurorera, hakaba n’abitwararika ibindi bikorwa vyo mu karere baherereyemwo.
Komite y’ishami ni yo ihagarikira igikorwa. Ibikorwa bikorerwa ku Biro vy’ishami Inama Nyobozi ibizeza Komite y’ishami, ino ikaba igizwe n’abakurambere babishoboye batatu canke barenga. Iyo komite iguma imenyesha Inama Nyobozi ukuntu igikorwa kirangurirwa mu gihugu canke mu bihugu iryo shami rihagarikiye kiriko kiragenda, ikongera ikayimenyesha ingorane izo ari zo zose igize. Ayo makuru arafasha Inama Nyobozi guhitamwo ivyiyumviro vyosohorwa mu bitabu be n’ivyoshikirizwa mu makoraniro no mu materaniro. Uko haciye igihe, Inama Nyobozi yama irungika mu mashami abayiserukira kugira bagendere ayo mashami bongere baronse abagize Amakomite y’amashami ubuyobozi bokwisunga mu mabanga bajejwe. (Imigani 11:14) Haragirwa porogarama idasanzwe aho uwo aba yaserukiye icicaro gikuru ashikiriza insiguro kugira aremeshe abavukanyi baba mu cibare iryo shami rikoreramwo.
Ishami rirashigikira amashengero rihagarikiye. Abavukanyi bagize Komite y’ishami baremeza ishingwa ry’amashengero mashasha. Abo bavukanyi kandi baritwararika igikorwa c’abatsimvyi, ic’abamisiyonari be n’ic’abacungezi b’imizunguruko bakorera mu cibare c’iryo shami. Baratunganya ibijanye n’amateraniro be n’amahwaniro, bagahagarikira iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami nshasha, bakongera bakiyemeza neza yuko amashengero arungikirwa ibisohokayandikiro akeneye. Igikorwa cose kirangurirwa ku biro vy’ishami kiratuma ca gikorwa co kwamamaza inkuru nziza kirangurwa ku rutonde.—1 Abakorinto 14:33, 40.
Amakomite y’amashami afasha gute Inama Nyobozi?
Ni ibikorwa ibihe birangurirwa ku biro vy’ishami?
-