ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Twofasha gute kubungabunga Ingoro y’Ubwami yacu?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
    • ICIGWA CA 26

      Twofasha gute kubungabunga Ingoro y’Ubwami yacu?

      Ivyabona vya Yehova bariko barasukura Ingoro y’Ubwami yabo muri Estoniya

      Muri Estoniya

      Ivyabona vya Yehova bariko barasukura Ingoro y’Ubwami yabo muri Zimbabwe

      Muri Zimbabwe

      Icabona ca Yehova ariko arasubiriza ivyononekaye ku Ngoro y’Ubwami muri Mongoliya

      Muri Mongoliya

      Icabona ca Yehova ariko arasiga irangi Ingoro y’Ubwami muri Porto Riko

      Muri Porto Riko

      Ingoro y’Ubwami yose y’Ivyabona vya Yehova yitirirwa izina ryeranda ry’Imana. Ku bw’ivyo, tubona ko kugira uruhara mu gutuma iyo nyubakwa iguma isukuye, iboneka neza kandi ikomeye ari agateka kandi ko ari umuce uhambaye ugize ugusenga kwacu gutyoroye. Umwe wese arashobora gufasha.

      Niwitange kugira isuku muhejeje amakoraniro. Igihe cose amakoraniro aheze, abavukanyi na bashiki bacu barahimbarwa no kugira isuku risanzwe kugira ngo basige Ingoro y’Ubwami isa neza. Rimwe mu ndwi, haragirwa isuku ryitondewe. Umukurambere canke umukozi w’ishengero arahagarikira ico gikorwa, akenshi akaba akurikiza urutonde rw’ibibwirizwa gukorwa. Bivanye n’ibiba bikenewe gukorwa, abavukanyi baritanga mu gukubura, gukoropa, guhanagura intebe, gusukura utuzu twa surwumwe, kwoza amadirisha n’ibiyo, guta umwavu canke gusukura hanze y’ingoro. N’imiburiburi rimwe mu mwaka, harategekanywa umusi wo kugira isuku ridasanzwe. Turigisha abana bacu kwubaha ico kibanza dusengeramwo mu kubaha ivyo bakora mu gihe c’isuku.—Umusiguzi 5:1.

      Niwitange mu gikorwa co gusanura. Buri mwaka haragirwa isuzumwa ry’akantu kose kari ku Ngoro y’Ubwami, haba imbere canke inyuma. Dufatiye kuri iryo suzumwa, tuguma dusanura iyo Ngoro y’Ubwami kugira ngo igume ikomeye, ivyo bikaba bidufasha kwirinda gusohora amahera bitari bikenewe. (2 Ngoma 24:13; 34:10) Ingoro y’Ubwami isukuye kandi ibungabungwa neza ni ikibanza kibereye gusengeramwo Imana yacu. Tugize uruhara muri ico gikorwa, tuba twerekanye ko dukunda Yehova be n’uko duha agaciro ikibanza tumusengeramwo. (Zaburi 122:1) Ivyo kandi biratuma ico kibanza kibonwa neza mu kibano.—2 Abakorinto 6:3.

      • Kubera iki tudakwiye gufata minenegwe ikibanza cacu co gusengeramwo?

      • Ni intunganyo izihe zihari kugira ngo Ingoro y’Ubwami yacu igume isukuye?

  • Ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami budufitiye akamaro akahe?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
    • ICIGWA CA 27

      Ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami budufitiye akamaro akahe?

      Umugabo ariko arakoresha ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami

      Muri Israyeli

      Icabona ca Yehova ariko arafasha umusore kugira ubushakashatsi

      Muri République Tchèque

      Akigeme kariko karandika izina ryako mu gitabu cako c’indirimbo

      Muri Bénin

      Umugabo ariko arakoresha igikoresho co kugira ubushakashatsi mu bubiko bw’ibitabu bwa Watchtower

      Mu Mazinga ya Caïmans

      Woba wipfuza kugira ubushakashatsi kugira ngo wongerereze ubumenyi bwawe bwerekeye Bibiliya? Woba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye icanditswe kinaka, umuntu munaka, ikibanza kinaka canke ikindi kintu kivugwa muri Bibiliya? Canke woba umaze kwibaza niba Ijambo ry’Imana rishobora kugufasha mu ngorane woba ufise? Niba ari ukwo, niwikore ku bubiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami.

      Burimwo ibikoresho bidufasha kugira ubushakashatsi. Ushobora kuba udafise ibitabu vyose bishingiye kuri Bibiliya vy’Ivyabona vya Yehova vyasohowe mu rurimi rwawe. Mugabo ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami usanga burimwo ibitabu vya vuba nka vyose. Bushobora kandi kuba burimwo impinduro za Bibiliya zitandukanye, inyizamvugo imeze neza be n’ibindi bitabu woshobora kwikorako. Ntiwitinye gukoresha ubwo bubiko imbere y’amakoraniro be n’inyuma yayo. Niba hariho orodinateri, ishobora kuba irimwo ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (icitwa Watchtower Library). Ni ubuhinga bwa elegitoronike bwegeranirijwemwo amayagwa yo mu bitabu vyacu vyinshi kandi bukaba ari uburyo bworoshe gukoresha bufasha umuntu kuronka iciyumviro, ijambo canke icanditswe.

      Ni ngirakamaro ku banyeshure bo mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Urashobora kwikora ku bubiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami mu gutegura ibiganiro uba washinzwe gushikiriza. Umucungezi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu ni we ajejwe kwitwararika ubwo bubiko. Ni we araba ko ubwo bubiko burimwo ibitabu vyose biba biherutse gusohoka be n’uko bitondetse neza. Uwo mucungezi w’ishure canke uwukwigisha Bibiliya barashobora kukwereka ingene woronka amakuru ukeneye. Yamara, nta gitabu na kimwe gikwiye gukurwa aho ku Ngoro y’Ubwami. N’ikindi kandi, birumvikana ko twipfuza gukoresha neza ivyo bitabu, tukirinda kuvyandikamwo.

      Bibiliya ivuga yuko niba dushaka “[ku]ronka ukumenya Imana,” dutegerezwa kwemera kukurondera nk’aho twoba turiko turondera “amatunga yanyegejwe.” (Imigani 2:1-5) Ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami burashobora kugufasha gutangura kurondera ubwo bumenyi.

      • Ni ibikoresho ibihe vyo kugira ubushakashatsi biri mu bubiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami?

      • Ni bande boshobora kugufasha gukoresha neza ubwo bubiko bw’ibitabu?

      NURONDERE KUMENYA N’IBINDI

      Niba wipfuza kwigirira ububiko bw’ibitabu, nurabe ivyoba biboneka kw’ikontwari y’ibitabu. Uwukwigisha Bibiliya yokugira inama y’ibitabu wobanza kwironsa.

  • Ni ibiki biri ku muhora wacu wa Internet?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
    • ICIGWA CA 28

      Ni ibiki biri ku muhora wacu wa Internet?

      Umugore ariko aragira ubushakashatsi akoresheje orodinateri ngendanwa yiwe

      Mu Bufaransa

      Umuryango uriko urakoresha orodinateri

      Muri Polonye

      Umugore ariko araraba ividewo y’ururimi rw’ibimenyetso kuri Internet

      Mu Burusiya

      Yezu Kristu yabwiye abayoboke biwe ati: “Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So ari mw’ijuru.” (Matayo 5:16) Kugira ngo ivyo tubishikeko, turiko turakoresha neza ubuhinga bwa none, ushizemwo na Internet. Umuhora wo kuri Internet witwa jw.org ni wo muhora wacu nyamukuru uriko amakuru ajanye n’ivyo Ivyabona vya Yehova bemera be n’ibikorwa barangura. None neza na neza uwo muhora urimwo ibiki?

      Inyishu zishingiye kuri Bibiliya z’ibibazo abantu bakunda kwibaza. Kuri uwo muhora urashobora kuhasanga inyishu z’ibibazo bimwebimwe bihambaye cane bishika abantu bakibaza. Nk’akarorero, agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Imibabaro yoba izoteba igahera? n’akavuga ngo Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho? turaboneka kuri uwo muhora mu ndimi zirenga 600. Urashobora kandi kuhasanga Bibiliya y’isi nshasha mu ndimi zirenga 130 be n’ibitabu bitari bike bifasha kwiga Bibiliya, nk’ikivuga ngo Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? be n’inomero za vuba z’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Vyinshi muri ivyo bitabu urashobora kubisomera canke kuvyumviririza kuri uwo muhora, canke na ho ukabivoma biri mu mero zikundwa cane bita MP3, PDF na EPUB. Urashobora no gucapura impapuro nkeyi z’igitabu kinaka woganirako n’umuntu akunda ivy’Ivyabona, mu rurimi rwiwe! N’ibitabu vyo mu mvugo y’ibimenyetso biraboneka mu ndimi nyinshi. Urashobora no kwabura ibikino vyo kwumviriza bishingiye kuri Bibiliya, ibikino vyo kurorera bishingiye kuri Bibiliya, be n’umuziki uryoheye ugutwi umuntu yokwumviriza yiruhukiye.

      Amakuru y’ukuri yerekeye Ivyabona vya Yehova. Turashira kandi kuri Internet amakuru ya vuba be n’amasanamu ajanye n’igikorwa turangurira kw’isi yose, ibintu biba bigira ico bikoze ku Vyabona vya Yehova, be n’utwigoro tugira mu gutabara abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. Urashobora kandi kuhasanga amakuru yerekeye amahwaniro twimirije kugira be n’amakuru yogufasha kuvugana n’ibiro vyacu vy’amashami.

      Biciye kuri ubwo buhinga bwa Internet, turiko turatuma umuco w’ukuri waka gushika no mu mihingo ya kure rwose y’isi. Abantu bo mu migabane yose y’isi, ushizemwo n’abo mu karere ka kure k’isi, bariko barungukira kuri ubwo buhinga. Dusenga dusaba ko “ijambo rya Yehova rigu[ma] rija imbere ningoga” kw’isi yose, ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.—2 Abatesalonika 3:1.

      • Umuhora wacu wo kuri Internet wa jw.org, uriko ufasha gute abantu benshi kumenya ukuri kwo muri Bibiliya?

      • Ni ibiki woshima kuraba ku muhora wacu?

      AKAJAMBO KO KUGABISHA:

      Hari imihora ya Internet yashinzwe n’abaturwanya kugira ngo bakwiragize amakuru atari yo ku vyerekeye ishirahamwe ryacu. Intumbero yabo ni iyo gutuma abantu bareka gukorera Yehova. Turakwiye kwirinda kwinjira muri mwene iyo mihora.—Zaburi 1:1; 26:4; Abaroma 16:17.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika