ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb13 rup. 42-77
  • Kwamamaza no kwigisha kw’isi yose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwamamaza no kwigisha kw’isi yose
  • Igitabu c’umwaka 2013 c’Ivyabona vya Yehova
Igitabu c’umwaka 2013 c’Ivyabona vya Yehova
yb13 rup. 42-77

Kwamamaza no kwigisha kw’isi yose

I Maine muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika: Mu kwigana akarorero ka Yezu, abavukanyi bacu ni “abarovyi b’abantu”

KW’ISI YOSE

  • IBIHUGU 239

  • ABAMAMAJI 7.782.346

  • AMASAHA YO MU NDIMIRO YOSE HAMWE 1.748.697.447

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 8.759.988

AFRIKA

  • IBIHUGU 58

  • ABANYAGIHUGU 968.989.710

  • ABAMAMAJI 1.312.429

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 2.999.639

Ntiyabaye agikorora inda

I Addis-Abeba, umurwa mukuru wa Etiyopiya, hari umugore umwe yitwa Saba afise imangazini. Umusi umwe, hari bashiki bacu babiri bamusanze kuri iyo mangazini bamuha ikinyamakuru Be maso! carimwo ikiganiro kivuga ivyo gukorora inda. Saba yarinjije abo bashiki bacu maze ababwira ariko ararira ko yariko ariyumvira gukorora inda. Igihe bariko baraganira ibijanye n’ico kibazo, bose uko ari batatu bararengewe n’umubabaro gushika n’aho barira. Kuri uwo musi, Saba yarafashe ingingo yo kudakorora iyo nda kandi abigiranye ugushikama arasigurira umugabo wiwe igituma. Yahavuye avyara agakobwa keza. Yaratanguye kandi kwiga Bibiliya maze arabatizwa. Ubu ni umutsimvyi ahimbawe. Umugabo wiwe na we nyene yarize Bibiliya araba umuvukanyi, kandi muri Ndamukiza 2012, abandi bana babo babiri barabatijwe.

‘Vyoba vyoshoboka ko tuyaga na we?’

I Kaokoland muri Namibiya: Ibikoresho bikwegera bifasha kwigisha birashimisha abantu bafise imyaka itandukanye. Agatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera ubu karaboneka mu ndimi 452!

Umucungezi w’umuzunguruko umwe wo muri Etiyopiya yariko aramamaza inzu ku nzu ari kumwe n’uwundi muvukanyi. Ku muhana umwe, bahasanze umukobwa akora ibikorwa vyo mu nzu maze baramubaza nimba bovugana na nyene inzu. Igihe yababwira ko bidashoboka, baramubajije nimba bomusigira ibinyamakuru aza kumuha. Yaragiye kumubaza ko yokwemera ivyo binyamakuru, maze agarutse avuga ko amubwiye yuko yipfuza kubanza kubibona.

Abo bavukanyi baciye bamuha ikinyamakuru ngo aje kumwereka. Haheze iminuta mikeyi, yaragarutse ababwira ko yemeye kugisoma. Umwe muri abo bavukanyi yaciye amubaza bati: “Nimba adashobora gusohoka, vyoba vyoshoboka ko twebwe twinjira kugira tuyage na we?” Yarasubiye kuja kumubaza. Ico gihe ho yaratevyeyo cane, abo bavukanyi batangura kwibaza nimba ahava agaruka. Amaherezo yaragarutse maze arabaha ikaze mu nzu. Abo bavukanyi baramenye yuko nyene iyo nzu, uwitwa Yirgu, yari umutama yari amaze imyaka cumi atava mu gitanda, adashobora no kwicara. Icatumye wa mukozi ateba ni uko yariko aramufasha kwambara yongera apanga neza ibintu mu cumba.

Abo bavukanyi baramubwiye inkuru nziza. Kubera ko Yirgu yahimbawe n’ivyo bamubwiye, yaremeye kwiga Bibiliya. Uko iyo nyigisho yaguma itera imbere, amagara yiwe na yo yaguma arushiriza kumera neza. Haciye igihe, yarashobora kuva mu gitanda agatembera yicaye ku ntebe y’abamugaye. Bidatevye yaratanguye kwitaba amakoraniro maze arabatizwa kw’ihwaniro ry’intara riheruka.

Idini ryasohoye ibitabu vya se wiwe

Calvin, uwuba muri Zimbabwe, yari afise imyaka ine igihe se wiwe yapfa, apfa amusigiye gusa agasakoshi karimwo Bibiliya y’isi nshasha n’igitabu La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains, Igitabu ca 1. Yari yarabwiye Calvin ati: “Uze wumire kw’idini ryasohoye ibi bitabu. Ryigisha ukuri.”

Igihe nyina wa Calvin yapfa, inakuru yaciye amujana iwe. Calvin yaramaze imyaka icenda yanka kuja gusenga iyo inakuru yasenga, akavuga ashikamye ko umusi uri izina azotora idini ryasohoye vya bitabu se wiwe yamuha.

Umusi umwe, inakuru w’ako gahungu yarahuye n’umwe muri bashiki bacu. Uwo mutamakazi, atazi ko uwo mushiki wacu ari Icabona, yaramubwiye ko afise umwuzukuru w’akagagazo yanka kuja gusenga iyo asengera. Yamubwiye ko ku misi y’iyinga aho kuja gusenga, aba ariko arasoma igitabu yasigiwe na se. Uwo mushiki wacu yaramubajije ukuntu ico gitabu citwa. Uwo mutamakazi yavuze ko yibaza yuko ari “kimwe mu bitabu bitagira umutwe n’amaguru vya Watchtower.”

Uwo mushiki wacu yavuze ko yoshima kubonana n’uwo muhungu. Igihe babonana, Calvin yararyohewe cane. Ubwo nyene, uwo mushiki wacu yaciye atangura kwiga Bibiliya na we, akoresheje igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kandi uwo muhungu yaciye atangura kwitaba amakoraniro naho inakuru yamurwanya bimwe bikaze. Calvin afise umwiyemezo wo kwumira ku kuri kandi ariteganye umushasharo igihe c’izuka aho yizigiye ko azosubira kubonana na nyina na se. Calvin yabatijwe muri Myandagaro 2012.

‘Imana uriko urakorera irakomeye’

Caro aba mu Buganda. Haheze gusa ukwezi atanguye kwiga Bibiliya, umugabo wiwe Martin, uwari umupfumu, yaratanguye kumurwanya bimwe bikaze. Yavuze ati: “Kubera ibitabu vyawe, ba sogokuru ntibazosubira kwinjira mu nzu.” Yaramufashe nabi yongera aramutera ubwoba ko yomwishe adahagaritse kwiga Bibiliya. Yararetse no kuronsa umuryango wiwe ivya nkenerwa. Caro yagumye atekanye, aguma atunga umuryango mu kwikora ku vyo yasoroma, yongera arabandanya kwironsa ubumenyi butagira amakosa. Mu nyuma, aho vyagaragara ko ubuzima bwa Caro buri mu kaga, yaciye ahunga. Yarita ku rutare kugira aronke ikimubeshaho. Yamara, igihe yumva ko abana biwe barwaye, yaciye afata amahera makeyi yari afise arabagurira imiti.

Haheze igihe, umugabo wiwe yaramuterefonye. Yamubwiye ati: “Ndipfuza ko ugaruka muhira. Narabonye ko Imana uriko urakorera ikomeye kandi ko yabanye nawe. Nipfuza ko ubwira barya bantu bakwigisha bazoze kunyigisha nanje. Ndipfuza vy’ukuri guhindura ubuzima bwanje.” Kandi, aho Martin ntiyariko arabesha. Ubu uwo muryango uri hamwe kandi urahimbawe. Bompi, Martin na Caro, babatijwe kw’ihwaniro ryabaye muri Myandagaro 2012.

Umwamamaji umwe rudende mu kigwati ca kure

Igihe David wo muri Kenya yaba mu gisagara kiri kure y’iwabo, yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Yamara bidatevye, yabwirijwe gusubira mu kigwati c’iwabo ca Lokichar, mu karere ka kure ko mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya. Ishengero ryari hafi ryari ku bilometero 165 mu gisagara ca Lodwar. Haraheze imyaka ine David atabonana n’Ivyabona, yamara yarabwira inkuru nziza ababanyi n’incuti ziwe, akababwira ivyo yize mu kiringo gito yamaze yiga Bibiliya. Hari abavyakiriye neza, kandi budakeye na kabiri yari asigaye ayobora inyigisho za Bibiliya zitari nke. Mu 2007 yarabonanye n’abavukanyi i Lodwar maze arasubira kwiga, akaza aragira urugendo kabiri mu kwezi agenda na tagisi-moto canke n’ibisi.

Uko ubumenyi David yari afise bwaguma bwongerekana, ni ko yarushiriza kugira umwete mu busuku. Naho atari bwabatizwe, yarubatse hafi y’aho yaba akazu k’ivyondo gasakaje ivyatsi k’imfatakibanza yise Ingoro y’Ubwami, aho yayoborera amakoraniro ari kumwe n’abashimishijwe. Ariko, si bose muri ico kigwati banezerezwa n’ico gikorwa ciwe co kwamamaza, kandi yaramaze imyaka ibiri atukwa yongera akubagurwa. Igihe kimwe, hari abantu bo mu kigwati bamukubise ata kinya, bamwagiriza ko yazanye ngo ivyo gusenga Shetani muri ico kigwati. Yamara, David amaze kwitura umutegetsi wo muri ako karere, baciye bahagarika ubwo bukazi, maze David abandanya kwamamaza. David yavuze ati: “Ukuri ni kwo buzima bwanje. Naho norwanywa gute sinorota nta hasi.”

Mu 2009, David yarabatijwe, kandi ubu asukura ari umukozi w’ishengero akaba n’umutsimvyi asanzwe. We n’umuhungu wiwe w’imyaka 15 ni bo bamamaji bonyene bari muri ako karere, ariko muri Ndamukiza 2012, abantu nka 60 bo muri ako kagwati baritavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu, icabereye muri ya ngoro y’imfatakibanza iri hafi y’aho David aba.

‘Mubeshuze ukoresheje Ivyanditswe’

Janet, mushiki wacu w’umutsimvyi wo muri Gana, yariko arasoma igitabu Ivyo Bibiliya yigisha igihe yari afashe urugendo rurerure mw’ibisi. Hari umuvugabutumwa yuriye muri iyo bisi maze atangura kwigisha, aca asaba abari muri iyo bisi ngo batange intererano y’amahera ku bw’ico gikorwa ciwe. Janet yamubwiye ati: “Uvuze ko Yezu angana n’Imana. None, ni nde yavuganye na Yezu igihe yabatizwa?”

Uwo muvugabutumwa yamwishuye ati: “Ivyo ni amayobera.”

Janet yarazinguruye ku kigabane ca 4 c’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, aracagura ivyanditswe bimwebimwe, maze arasaba bamwe mu bari muri iyo bisi kubisoma. Yarasiguye itandukaniro riri hagati ya Yezu n’Imana Mushoboravyose, Yehova.

Uwo muvugabutumwa yaciye amubwira ati: “Uri umupfumu.”

Abari muri yo bisi bavyumvise, baciye batangura kuburanira uwo mushiki wacu bavuga bati: “Wari ukwiye kumubeshuza ukoresheje Ivyanditswe aho kumwita umupfumu.” Uwo muvugabutumwa yarashangashiwe maze iyo bisi isubiye guhagarara aca arururuka. Hari umukenyezi akiri muto yari yicaye iruhande ya Janet yamubwiye ati: “Nahora nibaza ko Yehova ari izina ry’urusengero rw’Ivyabona. Ubu muyaze n’urya muvugabutumwa ni ho menye ko ari izina ry’Imana.”

Ico kiyago carabandanije, Janet arandika inomero za telefone z’uwo mukenyezi yongera aramwemerera ko azomuterefona. Igihe uwo mukenyezi yashika i muhira, yariganiye inakuru ivyari vyabaye. N’uwo inakuru yaratangajwe no kumenya ko izina ry’Imana ari Yehova. Mu nyuma, Janet yaratunganije ivy’uko hagira Ivyabona babandanya kuganira n’uwo mukenyezi be na inakuru. Ubu bompi baritaba amakoraniro.

AMERIKA

  • IBIHUGU 57

  • ABANYAGIHUGU 946.087.916

  • ABAMAMAJI 3.861.145

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 4.196.922

Yasanze ukuri ahantu atari yiteze

Muri Boliviya, hari abarinzi b’ibohero bariko barinjiza ku nguvu umukobwa w’imyaka 20 yitwa Andrea mu kigo c’ibohero magingo uno yaguma akoma induru atukana kandi ahiga ko aza gukora ikibi. Kubera ko yari inkazi kandi akomeye, yari ateye ubwoba kandi abantu baramutinya. Leidy, uno akaba ari Icabona ca Yehova yari apfunzwe yagirizwa ibinyoma, ntiyatinye Andrea ahubwo yaramwumviye ikigongwe. Buri gitondo Leidy yari afise akamenyero ko gusoma n’ijwi ryumvikana ururirimbo runaka rwo mu gitabu cacu c’indirimbo. Andrea avyumvise, yamubajije ati: “Uri Icabona ca Yehova?”

Muri Peru: Bariko barabwira inkuru nziza abarimyi hejuru y’ikiyaya citwa Utcubamba

Leidy amwishuye ko ari Icabona, Andrea yaciye amubwira ati: “Mawe ni Icabona ca Yehova, kandi nahora njana na we ku makoraniro. Yaranyigisha Bibiliya.” Andrea yaciye aturikisha ararira. Mu misi mikeyi yakurikiye, Leidy yaragiraniye na Andrea ibiyago bigera kure bijanye n’ivy’impwemu, kandi hageze ko Andrea aja kwumvirizwa, barasengera hamwe Yehova bamusaba imfashanyo n’ubuyobozi. Andrea yararekuwe maze arabandanya kwiga ivyerekeye Yehova. Ntiyatevye gukwiza ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa, kandi ubu ariko aritegurira kubatizwa.

Leidy yarungukiye ku kuba yarapfunzwe azira ubusa kandi yaratanguje inyigisho za Bibiliya 21 imbere y’uko arekurwa. Ubu gatatu mu ndwi araja aho mw’ibohero kugira ngo atsimbataze ugushimishwa kw’abo baganiriye.

Wari wa muhora wo kuri Internet www.pr418.com

Umusi umwe ku w’iyinga mu mpeshi yo mu 2011, hari umugabo n’umugore bubakanye hamwe n’abana babo babiri, bose bakaba bari bambaye neza, binjiye mu Ngoro y’Ubwami muri Kanada; abari aho bose bibajije ko ari Ivyabona vya Yehova bo mu kindi gisagara babagendeye. Umukozi w’ishengero umwe wo muri iryo shengero yitwa Dominic be n’uwo mugabo baciye bamenyana. Dominic yari yarigishije Bibiliya uwo mugabo, hakaba hari haciye imyaka 17. Marc-André n’umukenyezi wiwe Josée, hari haciye imyaka ibiri bavoma bongera basoma ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! kuri wa muhora wo kuri Internet wa www.pr418.com kandi barabonye ko bose uko bagize umuryango bakwiye kuja ku Ngoro y’Ubwami. Inyigisho ya Bibiliya yaciye itangura, kandi uwo muryango waratanguye kuza uritaba amakoraniro yose. Haheze gusa amezi abiri uwo muryango wiga Bibiliya, waciye ushiraho ya ntunganyo y’umugoroba wahariwe Ugusenga kwo mu muryango. Barabandanya gutera imbere neza, kandi muri Rusama 2012 Josée yarashikirije ikiganiro ciwe ca mbere mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi.

‘Yarampaye udufungurwa n’inkofero vyiwe’

Hari agahungu k’imyaka cumi kitwa Marcelo kari kitavye ihwaniro ry’intara ryo mu 2010 muri Shili kabonye ko umutama yari yicaye iruhande yako ata gitabu na kimwe yari afise.

Kaciye kongorera nyina wako gati: “Uwu muntu nta Bibiliya afise.”

Nyina na we ati: “Nimusangire iyo rwawe.” Marcelo yaciye yegera uwo mutama, uwitwa Victor, maze barasangira Bibiliya, bakaza bararabira hamwe ivyanditswe vyose vyaba biriko birasomwa. Ikiringo c’akaruhuko gitanguye, Marcelo yarahindukiye abwira nyina ati: “Ntagira utwo afungura.” Yaciye asaba uwo muhungu wiwe ko yosangira na Victor udufungurwa twiwe. Marcelo yaciye aha uwo mutama umukate n’agakombe k’icayi. Igihe Victor yariko arafungura, Marcelo yaramweretse ivyanditswe vyose vyo muri Bibiliya yibuka.

Ku muhingamo, hari izuba ryinshi. Marcelo yarasubiye kubwira nyina ati: “Nta nkofero afise.”

Nyina yamwishuye ati: “Muhe iyo rwawe.” Yaciye ayimuha. Porogarama irangiye, Marcelo na Victor barahanye agasaga.

Kw’ihwaniro ry’intara ryo mu mwaka wakurikiye, Marcelo yararavye hirya no hino kugira arabe ko Victor yoba yaje. Yaranezerewe cane asanze ari aho ari, kandi yari yambaye ikaruvati! Victor abonye Marcelo, yaciye avuga ati: “Uno musi ndi ng’aha kubera aka gahungu. Mu mwaka uheze, nararonse ubutumire bw’ihwaniro kandi nararyitavye. Uwu mwana yaremeye ko dusangira Bibiliya yongera arampa udufungurwa be n’inkofero vyiwe. Ubu ndiko ndiga Bibiliya!” Victor ni umwamamaji atarabatizwa.

Yarashemagijwe n’umumenyeshamakuru

Umumenyeshamakuru umwe w’umugore azwi cane wo muri Venezuwela aravuga mu kinyamakuru ciwe ivyamushikiye igihe yavugana kuri telefone n’umuntu wo mw’ishirahamwe rimwe ry’ivy’amatelefone, amusaba ko yogira ivyo amufasha. Uwo mufundi yamwishuye amajambo make kandi ataranga urupfasoni, vyongeye ntiyemeye no kumufasha. Asubiye kugerageza guterefona ubugira kabiri, yitabwe n’umusore yamubwiye ko yitwa “Misael,” uno akaba yarumvirije ivyo yamusaba abigiranye urupfasoni yongera aramufasha biragenda neza. Uwo mumenyeshamakuru yanditse ati: “Umutima mwiza, icubahiro, umutima ukunze wo gufasha be n’agatima ko gusenyera ku mugozi umwe uwo musore yagaragaje igihe twariko turavugana vyari imbonekarimwe. Kubera ukuntu yamfashije, narashoboye gutorera umuti iyo ngorane nongera ndamenya ingene nzovyifatamwo ikindi gihe.”

Igihe uwo mugore yamukeza, uno yarasiguye ko ari Icabona ca Yehova, rero ko yihatira gufata abandi mu buryo buhuye n’ivyo Yezu yigishije. Uwo mumenyeshamakuru yarasavye kuvugana n’umukoresha wa Misael. Uwo mumenyeshamakuru yarashemagije uwo mukozi kubera ico gikorwa kidasanzwe yamukoreye. Mu kiganiro yanditse, yaravuze ko Misael ari Umunyavenezuwela w’intangakarorero kandi ko ari Icabona ca Yehova. Yasozereye ico kiganiro ati: “Turakeneye abantu bameze nka we mu buzi bwose.”

“Ntimugagaze!”

Mu gisagara ca Megiziko, muri Megizike: Nyinshi mu nyigisho za Bibiliya zirenga umuliyoni zo muri ico gihugu zatangujwe n’abamamaji bariko baramamaza kw’ibarabara

Umukobwa umwe w’umuragi w’imyaka 15 yitwa Gabriela wo muri Équateur, yarahimbawe no kubatizwa kw’ihwaniro ry’intara ryabaye muri Gitugutu 2011 mu rurimi rw’ibimenyetso. Yararyohewe cane ku buryo igihe yasubira kw’ishure ku wa mbere, yasavye umwigisha wiwe nimba yoshobora gushikiriza abo bigana itangazo rigufi. Uwo mwigisha yaremeye, hanyuma Gabriela arahagarara imbere y’abanyeshure maze ahimbawe avuga mu rurimi rw’ibimenyetso ati: “Nagomba kubamenyesha ko ku wa gatanu, ku wa gatandatu no ku w’iyinga nari kw’ihwaniro, aho nkaba narabatijwe ndaba Icabona ca Yehova. Nagomba kandi kubamenyesha ko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereje cane. Hasigaye igihe gito! Birihutirwa ko muhindura ibikenewe guhindurwa. Ku bw’ivyo, ntimugagaze. Nimutinye Imana!” Ayo majambo yarakoze ku mutima cane abo bigana.

Mu nyuma kuri uwo musi mu gihe c’akaruhuko, uwitwa Katty, uno akaba yari umuragi w’Icabona yahororokewe, yaregereye Gabriela kugira amubaze ukuntu ihwaniro ryagenze. Gabriela yamwishuye atarya umunwa ati: “Ryari riryoshe cane! Ariko ubu, kubera ko ndi Icabona yabatijwe, nipfuza kuguma ndi umwizigirwa kuri Yehova. Ku bw’ivyo, nagomba kukumenyesha ko ntakiri umugenzi wawe, kubera ko ubayeho mu buryo buhumanye. Kuba umugenzi wawe vyokwonona ubucuti mfitaniye n’Imana. Urakeneye guhinduka. Birahambaye ko usenga Yehova kandi ukayaga n’abakurambere. Ndazi neza ko ushobora guhinduka ukamera neza.” Bivuye kuri iyo mpanuro iranga urukundo kandi idakikiriza ya Gabriela, Katty yaraganiriye n’abakurambere, araronka imfashanyo yo mu vy’impwemu, maze arasubira kugira umwete mu busuku.

Yakoresheje orodinateri ngendanwa y’umwigisha wiwe

Hari mushiki wacu umwe w’imyaka 16 wo muri Leta Zunze Ubumwe abo bigana bamubajije ibijanye n’idini ryiwe, ariko akaba ata gitabu na kimwe yari afise, eka mbere nta na Bibiliya. Kubera ko yashaka gukoresha ivyanditswe mu kwishura ivyo bibazo, yarasavye umwigisha wiwe nimba yomutiza orodinateri yiwe ngendanwa kugira ngo aje kuri wa muhora wo kuri Internet wa www.pr418.com. Ntiyishuye ivyo bibazo gusa ariko kandi yaraberetse ukuntu bokoresha uwo muhora. Yarabasiguriye ko igihe cose boba bafise ibibazo bishingiye kuri Bibiliya ariko akaba ata Cabona ari hafi ngo abafashe, boca baja kuri uwo muhora kugira ngo bironkere inyishu. Uko imisi yagenda irahaca muri iyo ndwi, yarabonye ko abo banyeshure bari basigaye bafise ibibazo bike. Igihe yababaza igituma, bamwebamwe bamwishuye ko bama baja kuri wa muhora wa Internet bakoresheje telefone zabo. Mbere n’umwigisha wiwe yarabigira!

AZIYA N’IBIHUGU VY’ABARABU

  • IBIHUGU 48

  • ABANYAGIHUGU 4.222.869.785

  • ABAMAMAJI 674.608

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 662.736

Imishamirano yo mu kigwati ntiyabaye ikiba

Hari umugwi w’Ivyabona waciye mu kagwati kamwe ko muri Endoneziya ugiye ku nsiguro y’amaziko. Umutsimvyi umwe yarabonye abakiri bato bari iruhande y’ibarabara. Yarabaganirije aca abasigira agatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. Mu nyuma, hari mushiki wacu umwe yaciye aho hantu ariko arataha. Umugabo umwe yari afise ka gatabu Niwumvirize maze ubeho yaregereye uwo mushiki wacu maze aramukengurukira kubera yari yahaye abana biwe ako gatabu. Yavuze ati: “Aka karokoye ubuzima bw’abana banje!” Uwo mushiki wacu, atazi na kimwe ku bijanye n’ikiyago ca mbere, yaramubajije icari cabaye. Uwo sebibondo yaramusiguriye ko abo bana bari bafise umugambi wo kuja gutera akagwati kamwe. Nk’uko umugenzo wo muri ako karere uri, bagomba kwihora kubera umwe mu bagenzi babo yari yagiriwe nabi. Ariko, aho abo bahungu bamariye gusoma ako gatabu, barabonye ko abantu barwana batazotorana Iparadizo yimirije. Ku bw’ivyo, ishavu ryaciye rihera, baraheba uwo mugambi maze barasubira muhira. Imishamirano iteye akaga yari guhava iba ntiyabaye ikiba kubera ubutumwa bwo muri Bibiliya bwari muri ako gatabu.

Umuhungu yigira umukobwa agira amahinduka

I Shau Kei Wan, muri Hong Kong: Bariko barabwira inkuru nziza umukenyezi umwe kw’isoko

Rek yakuriye mu muryango ukurikiza imico kama wo muri Kamboje, ariko kuva akiri muto, we n’ihasa ryiwe batanguye kwiyumvamwo ko ari abakobwa. Bakinisha ibipupe kandi barakunda kwambara impuzu z’abakobwa. Nyina wabo ntiyavyumva kandi vyaramutera isoni vyongeye ntiyabona ico yokora kugira babihebe. Barashobora kuva muhira bagiye kw’ishure bambaye impuzu z’abahungu ariko ubwo nyene bagishikayo bagaca bahindura bakambara iz’abakobwa. Ayo mahasa ashikanye imyaka 16, yaragiye mw’ihiganwa ry’ubwiza ryagirwa n’abahungu bigira abakobwa kandi abo mu rwego rw’ivy’ukwinezereza barabashimye. Ivyo vyatumye baza barerekanwa kuri televiziyo bakongera bagakoreshwa mu bikino vyo gutwenza abantu. Budakeye na kabiri, Rek yaratanguye ivyo guhuza ibitsina n’abo babisangiye no kwifatanya n’abandi bahungu bigira abakobwa.

Nyina wa Rek yaratanguye kuza araja gusenga maze akaza arabwira Rek ngo bajane. Naho yemera kwambara impuzu z’abahungu, yaranse kwimwesha umushatsi wiwe muremure. Umupasitori w’aho hantu yama avuga amajambo yo gushira hasi Rek akongera akanegura ukuntu yigenza. Naho vyari ukwo, Rek yiyumvira ko yoshobora kwigira Bibiliya aho ku rusengero. Ku ndwi ya mbere, yaravyutse kare maze aragenda ibilometero bitari bike agiye ku rusengero, ariko wa mupasitori yamubwiye ko adashobora kumwigisha. Rek yarababaye cane igihe uwo mupasitori yanka kumwigisha no mu ndwi yakurikiye.

Ariko, Rek ashitse i muhira, rya hasa ryiwe ryaramubwiye ko hari umukenyezi umwe yari yaje kubagendera maze abasaba ko yobigisha Bibiliya ku buntu. Yari yabasigiye igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Ayo mahasa yaratanguye kwiga Bibiliya na wa mushiki wacu be n’umunega wiwe. Inyuma y’amezi atandatu, mwene wabo na Rek yarabonye ko atiteguriye guhindura ukuntu yigenza, maze aca arahagarika kwiga. Ariko Rek, yarakozwe ku mutima cane n’ibivugwa mu 1 Abakorinto 6:9, 10, maze arabona neza ico yategerezwa gukora. Biciye ku kwiga abigiranye umwete, ku gusoma Bibiliya, ku gusenga no ku kwitaba amakoraniro, yarashoboye guhumanura ubuzima bwiwe. Nyina wa Rek na we nyene ariko ariga Bibiliya kandi ariko aragira amaterambere meza. Igihe Rek yabatizwa, nyina wiwe yavuze n’amosozi mu maso ati: “Ndahimbawe cane no kubona umwana wanje abatijwe ari umuhungu.” Ubu Rek ni umutsimvyi asanzwe.

Umupfumukazi ahindura ingendo

Or-Ya yari umupfumukazi, agatanga impanuro akongera akavuga ivya kazoza. Hari abatsimvyi badasanzwe bubakanye bakorera i Haifa, muri Israyeli, bamugendeye igihe bari mu busuku bw’inzu ku nzu. Mu kubaramutsa yababwiye ati: “Nimba muje kumbwira ivy’Imana, nimushike!” Mu nzu yiwe hari huzuye ibintu vy’ubupfumu be n’ibindi bintu vy’amayobera. Yavuze ko yahora aronka ubutumwa buvuye ku Mana, bumwe akaburonka biciye ngo ku mpwemu y’umurabi yaheruka gupfa.

Ivyo kugirirwa inyigisho ya Bibiliya mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha vyaramushimishije. Imisi ibiri gusa imbere y’uko abo bubakanye bamugendera, yari yasenze Imana ayisaba ko yomurungikira umuntu yomwigisha Bibiliya bidaciye kuri wa murabi. Haciye ukwezi, yabajije ati: “Hoba hariho abandi bantu musangiye ukwemera?” Yaritavye amakoraniro y’ishengero kandi yarakozwe ku mutima n’ukuntu bamugaragarije igishika n’urukundo. Kuva ubwo, yaciye aza aritaba amakoraniro adahorereza.

“Mumaze amezi abiri muntegura ngo nze mbatizwe!”

Haciye amezi abiri Or-Ya yiga Bibiliya, yarabajije ibijanye n’iteraniro ryari ryimirije ati: “Mbega burya ntibabatizwa ku materaniro? Niba ari ukwo, mumaze amezi abiri muntegura ngo nze mbatizwe!” Intambwe ya mbere yateye kwabaye uguta ibintu vyose yari atunze bijanye n’ubupfumu, bino bikaba vyari bizimvye. Yaciye ahagarika ubupfumu maze atangura kubwira inkuru nziza abandi, akaza araha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha be n’ibinyamakuru abahoze baza kwivuza iwe be n’abahoze ari abakiriya biwe bose. Igihe yarwara, ntiyakoresheje uburyo bwo kwivuza yahora akoresha. Kuba yarahevye ako kazi yahora akora vyatumye amara amezi ane ashomereye. Yamara, yarishingiye ingingo ku bijanye n’akazi; yashaka gukora imisi ine mu ndwi, agakora amasaha atandatu ku musi kugira ngo aronke umwanya wo kwitwararika imirimo ya gitewokarasi, kandi yahavuye aronka akazi keza. Mu nyuma yaragurishije inzu yiwe nini, aja gupanga inzu ntoyi.

Igihe kigeze, Or-Ya yarakwije ibisabwa vyo kubatizwa, ariko hasigaye indwi imwe ngo iteraniro rigere, yaravunitse ukuguru. Naho vyagenze ukwo, yarabatijwe, ukuguru kwiwe kuriko isima. Ubu, Or-Ya ni umwamamaji w’umunyamwete yamamaza ku bahoze ari abakiriya biwe akongera akayobora inyigisho za Bibiliya.

Uwahoze ari mu kadumbi k’idini yubura ukuri

Mu karere ka kure k’imisozi muri Filipine, hari abaragi b’amahasa batanguye kwiga Bibiliya. Bompi bari abanywanyi b’akadumbi k’idini kemera ko ibirwanisho bitogirira nabi abanywanyi bako mu gihe boba bambaye ibiheko binaka be n’udufulari vyo kwikingira. Bari baramenyerejwe ivyo gukoresha imbugita, imipanga be n’inkoho, kandi bari bamaze kuja mu ntambara nyinshi zo kurwanya abaroberi zabera mu misozi. Muri iryo dini baremereye ayo mahasa kwiga Bibiliya bizigiye ko ivyo Vyabona batazobasaba ngo bahindure idini ku nguvu.

Nk’ako, abo bavukanyi baremesheje ayo mahasa kwifatira ingingo bishimikije ivyo bariko bariga muri Bibiliya. Umwe muri ayo mahasa yarumvise ko adashobora kugira amahinduka yari akenewe mu buzima bwiwe kugira ngo asukurire Imana mu buryo yemera. Ariko, uwundi yagumye yiga. Mu kumuremesha, umuvukanyi yamwigisha yarazinguruye Bibiliya maze amusigurira mu rurimi rw’ibimenyetso ati: “Izina ryawe Samweli ririmwo muri Bibiliya. Uwo Samweli wo muri Bibiliya yarasukuriye Imana y’ukuri Yehova, gushika mu busaza bwiwe. Na wewe urashobora kugamburukira Yehova udahemuka.” Ivyo vyarakoze ku mutima Samuel. Yiyumviriye ati: “Nimba izina ryanje riri muri Bibiliya, rero ndakwiye kuja ku ruhande rwa Yehova.” Yaramenyesheje abagize rya dini ko avuye muri ya misozi, yongera araturira ibiheko vyiwe be n’ibintu vyose bijanye n’ubupfumu maze aratera imbere ningoga. Ubu ni umusavyi wa Yehova yabatijwe, akaba afasha abandi baragi kwiga Bibiliya abigiranye umwete.

Umwana ashikirwa n’uruhamo

I Erdenet, muri Mongoliya: Bariko barigisha Bibiliya umukenyezi aba mu biyaya vya kure

Rajiv aba mu kigwati ca kure mu buraruko bw’Ubuhindi. Igihe yari afise imyaka icenda kandi yiga mu wa kane, umwigisha wiwe, uno akaba yari Icabona ca Yehova, yarigishije abanyeshure inyifato runtu akoresheje ca gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Rajiv yaremeye izo mpanuro maze aratangura kuzishira mu ngiro. Yarabwiye uwo mwigisha wiwe ko yahevye kubesha no kurwana n’abo bigana kandi ko hageze kwivuna umusase asangira ibifungurwa n’abatabifise.

“Wunamitse ku nguvu umutwe wanje imbere y’iki gishusho, ariko ntuzokwigera wunamika umutima wanje”

Amaze kwiga vyinshi ku bijanye n’Iparadizo yo kw’isi, yaciye atangura kubwira iyo nkuru nziza abandi bo mu kigwati iwabo be n’abo baba bari kumwe mw’igariyamoshi. Ivyo vyarashavuje cane abavyeyi biwe vyongera birabatera ubuyega. Baramubujije kuvuga ivyerekeye Yehova na Yezu. Kubera ko yabandanije, baciye batangura kumukubita, kandi nyina wiwe yaranyegeza impuzu ziwe kugira ngo avuye kw’ishure ntasohoke ngo aje kuvuga ivyerekeye ukwo kwizera kwiwe gushasha. Abavyeyi biwe baramwankiye kuryama ku gitanda ciwe, kandi bamugaburira inticantikize. Igihe izo ngingo zose bari bafashe zananirwa, barahamagaye umukuru umwe wo mw’idini ry’abahindu ngo aze guhindura ivyiyumviro vy’ako gahungu.

Uwo mukuru w’idini yaramaze ng’aho imisi itari mike kandi yaragerageje guhata Rajiv ngo yunamire ikigirwamana. Igihe Rajiv yavuga ko ico kigirwamana ari ibuye gusa atari imana, uwo mukuru w’idini yaciye abwira ako gahungu ko ‘gakwiye kukiraba gakoresheje amaso y’umutima.’ Aho gusa ngo ni ho kari gushobora kubona imana muri ico gishusho. Rajiv yarafashe urupapuro maze yandikako ngo “amarupi 100.” Yararuhaye uwo mukuru w’idini maze amusaba ngo aje kugura amashokola ace agarukana ayo bamugaruye. Uwo mukuru w’idini yavuze ko atari umusazi; yuko ico ari igipapuro gusa kandi ko kitagira agaciro. Rajiv yamwishuye ati: “Mu gihe woraba uru rupapuro ukoresheje amaso y’umutima, wobona ko ari amahera.” Uwo mukuru w’idini, n’ishavu n’akantu, yarunamitse ku nguvu umutwe w’ako gahungu imbere ya ca kigirwamana. Rajiv yamubwiye ati: “Wunamitse ku nguvu umutwe wanje imbere y’iki gishusho, ariko ntuzokwigera wunamika umutima wanje.” Amaherezo uwo mukuru w’idini yaragiye, avuga ko bidashoboka kugarura ako gahungu kandi ko nka hamwe yohaguma na we nyene yohava atakaza ukwizera kwiwe. Abavyeyi ba Rajiv baciye bamwimurira ku rindi shure. Ariko ntiyahagaritse kubwira uwo wese yatega yompi ivyo yavuga ku bijanye na Yehova be n’umuhango w’Iparadizo. Ubu ako gahungu, agafise imyaka cumi, karabandanya kwiheka kuri Yehova ngo agafashe kuguma gakomeye mu kwizera.

Yararonse Bibiliya yariko ararondera

Igihe Larisa yariko arabwira inkuru nziza umukenyezi umwe yadandaza ibitabu muri Armeniya, hari umugore yinjiye maze abaza uwo mudandaza nimba yoba afise Bibiliya yitwa “Isi nshasha.” Uwo mudandaza yishuye ko iyo Bibiliya ata yo afise ariko ko ashobora kumuha Bibiliya yo ng’aho yo mu kinyarumeniya. Yaciye amubaza ati: “Yoba yoroshe gutahura?” Uwo mudandaza yaciye amusomera imirongo nk’ingahe maze avuga ati: “Isa n’iyumvikana.” Wa mugore yumvise atanyuzwe, yaciye aguma amubwira ko akeneye Bibiliya yitwa “Isi nshasha.” Larisa yaciye ubwo nyene yibuka ko mu gasakoshi kiwe harimwo Bibiliya yiwe y’ikinyarumeniya. Yarayeretse uwo mugore maze amusaba gusoma izina ryayo. Uwo mugore yasomye ati: “Bibiliya y’isi nshasha.” Yari ya Bibiliya nyene yariko ararondera!

Uwo mugore yarasiguye ko umukobwa wiwe be n’umukwe wiwe baba mu Bugiriki bari baherutse gutangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Kubera ko batari bwamenye ikigiriki, basavye uwo nyina wabo ko niyasubira kuja kubaramutsa yogenda abashiriye Bibiliya y’isi nshasha y’ikinyarumeniya. Uwo mushiki wacu yarahaye iyo Bibiliya uwo mugore maze amubwira ati: “Ndakwinginze uze uyibahe kandi ubabwire ko ari ingabirano ivuye kuri Yehova.” Uwo mugore yarahimbawe kandi igihe Larisa yamusaba ko yomufasha kwiga Bibiliya. Barahanye inomero za telefone kugira ngo uwo mugore azoce atangura kwiga avuye mu Bugiriki.

UBURAYA

  • IBIHUGU 47

  • ABANYAGIHUGU 738.679.198

  • ABAMAMAJI 1.595.888

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 841.260

Yarasubije ikotomoni

Nina, umutsimvyi asanzwe wo muri Bosnie, arigana Bibiliya n’umuryango wo mu bwoko bwitwa Rom. Umusi umwe, agakobwa k’imyaka cumi ko muri uwo muryango kariko karamanuka mw’ibarabara, maze gatora ikotomoni irimwo amahera, mwene twa dukarata basabirako ingurane be n’izindi nkaratasi. Iyo ivyo biba imbere y’uko yiga ukuri, yari kubona ko ico kintu ari ingabirano y’agaciro, ariko amaze kuganira na nyina wiwe, yaciye afata ingingo yo kujana iyo kotomoni ku bapolisi. Iyo ngingo bafashe yari iyidasanzwe kubera ko uwo muryango wari ukenye ku buryo mbere batari bafise n’amahera yo kugura utwo bafungura. Haheze nk’amasaha abiri bahaye iyo kotomoni umupolisi, uno akaba yaratangaye cane, barabahamagaye ngo basubire ku gituro c’abapolisi. Nyene iyo kotomoni yari abarindiriye kugira ngo abashimire yongere abahe impera. Yabahaye amahera angana n’amadolari y’Abanyamerika 30, akaba yangana n’umushahara w’imisi ibiri.

Umutwe w’ikiganiro waramukwegereye

I Gjógv mu mazinga ya Féroé: Mu 2012 ayo mazinga yarimwo abamamaji 118

Nihad, uwuba muri Bosnie, yari ahejeje umurimo wo mu ndimiro. Agiye ku modoka yiwe, yasanze hari umugabo ahagaze impande yayo. Igihe Nihad yamuramutsa, uwo mugabo yaciye amubwira ati: “Urantunga, nabonye mu kinyamakuru cari mu modoka yawe umutwe uvuga ngo ‘Ingene woba sebibondo mwiza.’ Ndipfuza koko kuronka ico kinyamakuru. Aha ndahamaze nk’isaha ndindiriye ko hagira uwuza. Noshobora kukironka?” Nihad yarahimbawe cane no kumuha ico kinyamakuru yongera aboneraho akaryo ko kumubwira inkuru nziza.

Abakozi b’ubwato bahumurizwa

Igihe abubakanye bamwe bariko baramamaza ku kivuko c’ahitwa Rotterdam mu Buholande, barinjiye mu bwato bumwe bunini, maze bahura n’umwe mu bakozi bo ng’aho yari yijiriwe. Uwo mukuru yababwiye amosozi adengereye mu maso ko ubwo bwato bwari bwagize ingorane z’urutavanako, harimwo n’uko bwaheruka kwiseka, ivyo bikaba vyatumye bwononekara. Yaciye ababaza ati: “Mubona mwodusengera?” Abo bubakanye baramubajije nimba boshikiriza abakozi bo ng’aho insiguro iremesha ishingiye kuri Bibiliya. Ku musi ukurikira, nk’isaha imwe z’ijoro, abo bamamaji bari kumwe n’abandi bubakanye batandukanye barahawe ikaze mu gice c’imbere c’ubwo bwato. Aho hari hakoraniye abakozi 15 muri 16 bahakorera. Isengesho ryo gutangura rirangiye, hari umuvukanyi yashikirije insiguro yavuga ngo “Ivyago vy’ivyaduka vyoba biterwa n’Imana?” Abo bakozi barashoboye gusoma ivyanditswe vyo muri Bibiliya kubera ko abo bamamaji bari baje bazanye Bibiliya nyinshi bongera barafasha umwe wese muri abo bakozi kurondera ivyanditswe. Inyuma y’isengesho ryo kurangiza, abo bakozi bose bagumye bicaye baganira n’abo bavukanyi. Abo basozabwato bumvise baruhuriwe kandi barakengurutse cane. Umwe muri bo yavuze ati: “Iyi ni inyishu y’amasengesho yacu.” Abo bakozi barakiriye ibitabu 20 be n’Amabibiliya hamwe n’ibindi bisohokayandikiro, umukuru wabo akaba yaciye aha abo bamamaji ibahasha irimwo amadolari y’Abanyamerika 200 y’intererano ku bw’ivyo bitabu.

Yarasenze asaba ko yoronka uwo afasha

Irene, uwuba muri Suwede, yanditse ati: “Mfise imyaka 80, kandi kubera ububabare sinshobora gusohoka ngo nje mu murimo wo mu ndimiro. Narasenze Yehova ndamusaba ko nofasha umuntu kanaka nigeze kugendera kera yoshima ko tuza turayaga canke ko ndamugendera.

“Umusi umwe, telefone yacu yarahamagaye, umutama wanje arayitaba. Umugore yari aterefonye yavuze ati: ‘Murantunga, ni mwe mwenyene nshoboye kwibuka, ni co gituma naterefonye. Umukenyezi wawe yoshima kungendera kugira tuganire Ijambo ry’Imana? Narigeze kwiga nko mu myaka 15 canke 20 iheze, ariko umunega wanje, uno akaba aheruka gupfa, yarandwanije nca ndahagarika kwiga.’

“Naribuka ko nari narigeze kugendera uwo mugore ndi kumwe n’umuvukanyikazi umwe bigana Bibiliya. Naratangaye kuba ari jewe yibutse. Ndabigiranye umunezero, naratunganije ivyo kuja kumugendera. Kuva ico gihe, twiga buri ndwi. Yaritavye Icibutso be n’insiguro idasanzwe. Aritaba kandi n’amakoraniro. Ndakengurukira Yehova buri musi kuba yarishuye isengesho ryanje.”

Nta shokola ija mu gasandugu k’intererano

Sergio ni agahungu k’imyaka umunani kaba mu Butaliyano kashaka kujijura abakurambere ko kageze kuba akamamaji katarabatizwa. Umusi umwe, yarajanye na se wiwe ku kazi, aho yari agiye gukora igufuri ku muhana w’umugabo n’umugore bubakanye bageze mu myaka 70. Sergio yagiye ajanye umukama w’ibinyamakuru. Asigura ati: “Igihe dawe yariko arakora, narahaye ibinyamakuru uwo mutama, uno akaba yaratangaye cane ku buryo yaciye ahamagara umukenyezi wiwe arabimwereka. Naciye nandika amazina yabo, aderese yabo n’inomero za telefone zabo kugira ngo nzosubire kubagendera. Uwo mukenyezi yarampaye ayo makuru yose yongera arampa ishokola nini.” Haheze imisi mikeyi, Sergio be n’umukurambere umwe barasubiye kugendera uwo mugabo n’umugore bubakanye. Sergio yaradodoye, maze wa mukenyezi yitavye, aca amubwira ko yipfuza kubaha igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Uwo mukenyezi yaracakiriye aryohewe. Yaciye amuha iyindi shokola. Sergio yavuze ati: “Sinashobora gushira ishokola mu gasandugu k’intererano, ku bw’ivyo naciye ndayirya.” Yongeyeko ati: “Amaherezo abakurambere baratahuye ukuntu nipfuza cane kuba umwamamaji atarabatizwa.”

Umupasitori yashaka kumenya vyinshi

Simeon yari umupasitori wo mw’idini rimwe ry’i Gurkovo muri Bilgariya, aho hakaba ata Cabona n’umwe aharangwa. Ukwiga Bibiliya vyaramufashije kubona itandukaniro riri hagati y’ivyo Bibiliya yigisha be n’ivyo bigisha mw’idini iwabo. Umusi umwe, yararonse bimwe mu binyamakuru vyacu igihe yari ku rugendo mw’igariyamoshi. Simeon yarahimbawe cane igihe yamenya ko Yehova ari izina ry’Imana y’ukuri kandi ko ata Butatu bubaho. Kubera ko yari ashashaye kumenya vyinshi, yarandikiye ishami ry’Ivyabona vya Yehova yongera arandikira amadini yose yari azi. Idini rimwe gusa ni ryo ryamwishuye rimubwira areke kwimena umutwe mu kurazwa ishinga n’ibibazo ngo bitagira umutwe n’amaguru. Ariko ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryaratunganije ivy’uko haba Ivyabona babiri baja kumuraba bavuye i Kazanlŭk, bakaba bari kugira urugendo rw’ibilometero 35. Baratanguye kwiga Bibiliya na Simeon be n’umuryango wiwe. Simeon yarakunze ivyo yariko ariga, kandi yaratumiye kuri iyo nyigisho ababanyi n’abagenzi. Mu misi mikeyi, abantu 25 bari basigaye bitaba iyo nyigisho ya Bibiliya yaba buri ndwi. Umubanyi wiwe w’umutama w’imyaka 75 ahejeje kwumviriza ari bwo bwa mbere kimwe muri ivyo biganiro vyari bishingiye kuri Bibiliya, yavuze amosozi adengera mu maso ati: “Ibintu ntahuye mw’isaha imwe biruta ivyo natahuye mu myaka 30 maze nja gusenga.” Abantu bashika 60 baritaba amakoraniro abavukanyi b’i Kazanlŭk bayoborera i Gurkovo buri kwezi, kandi abantu 79 baritavye Icibutso.

“Ibintu ntahuye mw’isaha imwe biruta ivyo natahuye mu myaka 30 maze nja gusenga”

“Ndagusavye ubandanye gutyo”

Valya, mushiki wacu w’imyaka 15 wo muri Ukraine, yarabonye ko umwigisha wiwe aje kw’ishure yambaye impuzu zirabura kandi ko yari yamye ararira. Valya amaze kumenya ko yari yabuze nyina wiwe, yaciye afata ingingo yo kumuremesha akoresheje ivyanditswe bivuga ivy’izuka. Valya yaratoye Bibiliya be na ka gatabu Bitugendera Gute Iyo Dupfuye? hamwe na ka kandi Iyo Uwo Wakunda Apfuye, maze afata ingingo y’uko ivyigwa biheze, yoca aja kuganira n’uwo mwigisha. Yavuze ati: “Igihe nari ndindiriye ku muryango w’ibiro vyiwe, narahagaritse umutima cane, nca ndasenga Yehova ndamusaba ngo amfashe.”

Igihe Valya yinjira mu biro vy’uwo mwigisha, uno yaciye amubaza ati: “Wipfuza iki?”

“Nshaka kukuremesha kubera ko ntahura ukuntu wiyumva. Mu myaka iheze naje narabuze sokuru.”

Muri Jeworojiya: Bariko baramamaza mu murima w’imizabibu

Uwo mwigisha yarakozwe ku mutima n’ukuntu Valya yamwitwararitse. Yavuze ariko ararira yuko zaba incuti ziwe canke abo bakorana ata n’umwe yamugaragarije mwene izo mpuhwe zivuye ku mutima. Valya yaramusomeye Ivyahishuwe 21:3, 4 yongera arahamusigurira, inyuma y’ivyo uwo mwigisha akaba yaciye yakira twa dutabu, maze avuga ati: “Uratandukanye cane n’abandi banyeshure.”

Valya yasiguye ati: “Ndihata ngasoma Bibiliya kandi nkabaho mpuza n’ivyo ivuga, vyongeye ndumvira abavyeyi banje.”

Mu nyuma Valya yarazaniye uwo mwigisha Bibiliya n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha yari yamutumye. Uwo mwigisha yarasubiye gukengurukira Valya maze amubwira ati: “Idini urimwo ni iry’ukuri, kandi urafise abavyeyi beza bakwigisha ibibereye. Ndagusavye ubandanye gutyo.”

Yarihenze inomero

Ku musi wa mbere w’ihwaniro ry’intara ryo mu 2011 ryabereye i Malakasa mu Bugiriki, Natalie yarakoresheje telefone yiwe mu guterefona se wiwe kugira ngo amubwire ibijanye n’imodoka yobajanye kw’ihwaniro. Yamara, yarihenze inomero, kandi nta n’umwe yitavye. Haciye akanya gatoyi, uwo muntu yari yaterefonywe yarabonye inomero zamuterefonye, na we aca araziterefonako kugira ngo amenye uwamuterefonye. Ariko rero, ihwaniro ryari rimaze gutangura, kandi naho Natalie yari afise intumbero yo kuzimya telefone yiwe, hari ukuntu yafyonze ako kwitaba atabizi. Ku bw’ivyo, Natalie atabiciye n’ikanda, wa mugabo yarumvirije igice c’insiguro yariko irashikirizwa n’umuhagarikizi w’ihwaniro, ino ikaba yarakoze aho yari arwaye.

Mu nyuma, wa mugabo yararungitse ubutumwa muri telefone, abaza ati: “Uri nde? Woba uri umupadiri?” Ikiringo co mu gitondo kirangiye, Natalie yarabonye ubwo butumwa aca arishura ati: “Sindi umupadiri. Ndi Icabona ca Yehova, kandi ndi kw’ihwaniro.”

I Pittenweem muri Ekose: Bariko baramamaza ku kivuko

Wa mugabo yarasubiye guterefona ku wa gatandatu abaza nimba ihwaniro ryari rikibandanya. Se wa Natalie yaramubwiye inkuru nziza, inyuma y’ico kiyago wa mugabo akaba yasiguye ati: “Insiguro numvise kuri telefone mu minuta nk’ingahe yarishuye ibibazo vyinshi vyari bimaze igihe bintesha umutwe.” Umuryango w’uwo mugabo wari umaze igihe uterwa n’amadayimoni kandi ntibari bazi ivyo ari vyo n’igituma biriko birabashikira. Yasiguye ati: “Gushika ubu, sinari bwigere nemera kuyaga n’Ivyabona vya Yehova, ariko nimba bishoboka, noshima kuganira n’urya muntu yashikirije irya nsiguro.”

Vyarashoboka nyene. Uwo mugabo yaraje kw’ihwaniro ku w’iyinga kandi ivyo yabonye vyaramutangaje cane; yabonye imiryango yambaye neza be n’abantu banezerewe. Nta mucafu wari wandagaye, nta majambo mabi, eka nta n’itabi. Yavuze ati: “Sinari nzi ko kw’isi hariho abantu nkamwe! Numva umengo ndi mu yindi si.” Se wa Natalie yaramujanye ku biro vy’umuhagarikizi, maze aravugana n’uwo muhagarikizi. Iryo hwaniro ubwaryo be n’inyishu yahawe vyaragize ico bikoze kuri we. Yaremeye kwakira igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, Bibiliya be n’ibinyamakuru, kandi haratunganijwe ivyo kumugendera.

OSEYANIYA

  • IBIHUGU 29

  • ABANYAGIHUGU 38.495.300

  • ABAMAMAJI 94.924

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 59.431

“Ururirimbo ruryoshe kuruta izindi zose nari maze kwumva”

I Savaii muri Samoa, mu gutangura umusi w’ishure abanyeshure bose barahurira hamwe bakaririmba ururirimbo rw’idini. Mugabo Celina, w’imyaka itanu, na Levaai, w’imyaka itandatu, babigiranye urupfasoni barabwiye umuyobozi ko badashobora kuririmba urwo ruririmbo kubera ko ari Ivyabona vya Yehova. Ivyo vyarashobora gutuma bahanwa bimwe bikomeye. Ariko, uwo muyobozi we yibaza ko ashobora kumaramaza abo bana bigatuma bagondozwa; yababwiye ati: “Sawa, nimba mudashobora kuririmba ururirimbo rwacu, nimuririmbe rwanyu.” Celina na Levaai baciye baririmba ururirimbo rwa 111 ruvuga ngo “Izohamagara,” runo rukaba ari rwo baheruka kwiga ku mugoroba wabo wahariwe Ugusenga kwo mu muryango. Bahejeje, uwo muyobozi amosozi yaradengereye mu maso. Yavuze ati: “Urwo ni rwo ruririmbo ruryoshe kuruta izindi zose nari maze kwumva. Ndabasavye musubire mururirimbe.” Bararirimvye. Bahejeje, yababwiye ati: “Guhera ubu, nzoza ndabasaba kuririmba, atari indirimbo zacu, ahubwo iz’iwanyu.”

“Guhera ubu, nzoza ndabasaba kuririmba, atari indirimbo zacu, ahubwo iz’iwanyu”

Mu buzima bwiwe yasenga Yezu

Muri Timor oriental: Ico gihugu cahoramwo intambara caragize iyongerekana ry’abamamaji ry’ibice 9 kw’ijana

Hari umugabo umwe wo muri Fiji yari umumenyeshamana mw’idini rimwe ryo mu karere iwabo yahisemwo kuja kwumviriza igihe uwundi muntu yariko ariga Bibiliya. Mu kiringo c’iyo nyigisho, yarumvise ko Yezu atari Imana. Ivyo bintu yumvise vyaramubujije amahoro ku buryo vyanse ko atora agatiro. Umukenyezi wiwe abonye ukuntu abuze amahoro, yamubwiye ati: “Ntuze usubire kuja kwumviriza abo bantu!” Ariko, ntivyashoboka ko avyibagira. Ku ndwi yakurikiye, yarasubiye kuja kuri ya nyigisho ya Bibiliya. Haheze imisi inyuma y’aho asubiye ubugira kabiri gukurikirana iyo nyigisho kandi we ubwiwe ataratangura kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, yaragiye mw’idini yarimwo arahagarika vya bikorwa vy’ubumenyeshamana. Ivyo vyarashavuje cane vyongera birababaza incuti ziwe be n’abo basenga hamwe. Ntikwari guheba iryo dini gusa ariko kandi kwari no guheba akazi yakora kamuha amahera menshi. Yifashishije Bibiliya, yarashobora kubona bitagoranye ukuri ku vyerekeye Yezu, ariko vyaramugoye gusenga Yehova kubera ko mu buzima bwiwe yamye asenga Yezu. Haheze amezi menshi, amaherezo yarashoboye gusenga Yehova. Ubu arabwira inkuru nziza abandi akongera akabafasha kumenya Yehova no kumukunda.

Abantu b’inkehwa bemera ukuri

Abantu 62 ni bo gusa baba mw’izinga ryitwa Makatea riri mu Bumanuko bwa Pasifike. Abagize ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Tahiti ni bo bitwararika ivyo abo bantu bakeneye mu vy’impwemu. Abantu icenda baba muri iryo zinga bariko bariga Bibiliya ubudahorereza biciye kuri telefone. Abantu bashika 15 barahurira mu nzu y’umwe mu nyigisho za Bibiliya bagakurikirana amakoraniro abera muri Tahiti. Mu bariko bariga Bibiliya harimwo umugore umwe akiri muto yari umuntu ahambaye mw’idini yarimwo kandi vyari vyitezwe ko azoba umudiyakoni. Ata gihe kihaciye, yaragiye mw’idini iwabo kubasigurira igituma atakigira uruhara mu mirimo yabo. Yaraberetse muri Bibiliya igituma umugore adakwiye kwigisha mw’ishengero. Yarasiguye kandi uruhara rwa Yezu Kristu be n’ico Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zisobanura, izikwiye guhimbazwa rimwe mu mwaka atari buri w’iyinga. Vyongeye, yarashoboye kubasigurira yuko abantu 144.000 gusa ari bo bazobana na Kristu kandi ko ari bo bonyene gusa bakwiye kwihereza ku bimenyetso vy’Icibutso. Uwundi mugore, aremeshejwe n’akarorero k’uyo mugore, yaciye ava muri iryo dini kandi ubu ariko ariga Bibiliya n’Ivyabona adahorereza.

Umuryango waremeye ubutumire

Mu ntumbero yo gutumira abahororokewe ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu, hari abakurambere babiri bo mu mazinga ya Salomo bagendeye Joshua, uno akaba kuva mu 1998 atitaba amakoraniro. Joshua ari kumwe n’abantu 20 bo mu muryango wiwe yaragize urugendo rw’amasaha abiri n’amaguru agiye ku Cibutso. Ukuntu ishengero ryabakiriye n’igishika vyatumye Joshua akorora amosozi. Benshi muri uwo muryango baritavye kandi insiguro idasanzwe, irangiye bakaba baciye babwira abakurambere ko bipfuza kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Haratunganijwe ivy’uko 15 muri bo bagirirwa inyigisho.

Yari azi inyishu

Mu mazinga n’utuzinga birenga 1.000 vyo mu cibare c’ishami ryo muri Guam, ayarenga 100 nta bantu bayabamwo. Ariko, 13 gusa muri ayo mazinga ni yo ari hafi y’ishengero kanaka. Kubera yuko hari amazinga menshi atarigera agenderwa n’Ivyabona vya Yehova, abavukanyi barabandanya kurondera ingene boyagendera. Muri Ndamukiza 2012, hari umugwi w’abamamaji wagize urugendo n’ubwato uja mw’izinga rya Polowat, rimwe mu mazinga ari kure kuruta ayandi. Izinga rya Polowat ni izinga abantu baho badakunze kubonana n’abantu bo mu tundi turere. Abagabo baho bambara utubindo, babaza ubwato mu biti kandi batunzwe no kurima.

Umwe muri abo bamamaji yabajije umugabo umwe akiri muto ati: “Bitugendera gute iyo dupfuye?”

Uwo mugabo yishuye ati: “Inyishu ndayizi!” Yaciye ubwo nyene ahaguruka, atora ku kabati kiwe igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi co mu rurimi rwitwa chuuk, maze azingurura ahanditse ngo “Ibirimwo.” Atunze urutoki ku kigabane ca 8 kivuga ngo “Iyo Umuntu Apfuye Aja he?” yarasiguye abigiranye umushasharo ivyo yari yarize muri ico gitabu.

I Kingston mw’izinga rya Norfolk: Bariko baramamaza mw’ibarabara rikuru, Quality Row

None ico gitabu yari yakironse gute? Mu 2009, hari abamamaji bo mw’izinga rikuru Chuuk bamamaza ku bivuko mu ntumbero yo kubwira inkuru nziza abantu baba bariko baja mu mazinga ya kure, bakabashikiriza igitabu Kubaho Ibihe Bidashira. Umuntu umwe yari agiye i Polowat yarahimbawe no kwakira ikarato y’ibitabu kugira ngo aje kubiha ababanyi biwe, umwe muri bo akaba yari uwo mugabo akiri muto.

Imbere y’uko abo bavukanyi bava muri iryo zinga Polowat, baragendeye incuro zitari nke uwo mugabo kugira ngo bamuremeshe bongere bamwereke ingene yokwungukira ku ntunganyo yo kwiga Bibiliya. Baramwigishije kandi ingene yorondera ivyanditswe hanyuma akagira utwo yiyandikiye ku mubari w’igitabu ciwe.

Ese ukuntu bikora ku mutima kumenya ko mbere no mu tuzinga twa kure aho ata televiziyo, iradiyo, ibinyamakuru canke Internet bihari, ibisohokayandikiro vyacu biriko birafasha abantu kwiga ukuri mu rurimi bonse!

Amasasu atatu, imvo zitatu

Anna yari umwamamaji atarabatizwa arengeje gatoyi imyaka 20 igihe i Bougainville muri Papouasie-Nouvelle-Guinée haduka intambara y’abanyagihugu. Mu 1991 yari umwe mu mugwi w’Ivyabona wari ugizwe n’abantu batandatu bakuze be n’abana indwi bo mw’ishengero ry’i Arawa babwirijwe guhungira mw’ishamba bafise gusa utuntu dukeyi. Baramaze imyaka ibiri baba mu mazu beneyo bari barataye, bakaza bararondera aho bokura ibifungurwa. Bagira amakoraniro bakoresheje ibitabu bibiri gusa bari bafise, na vyo bikaba vyari Bibiliya ya Anna be n’igitabu Abahurikiye Hamwe mu Gusenga Imana Imwe Nsa y’Ukuri. Barasengera hamwe, bakaririmba indirimbo z’Ubwami bakongera bakamamaza kuri abo bose bahura.

Bamwe mu basoda baharanira amahinduka barababonye baca bipfuza ko abavukanyi babiri bari muri uwo mugwi baja kubafasha urugamba, ariko barubashe impagararo y’Ivyabona yo kutagira aho bahengamiye. Igihe kimwe, hari umusoda yeretse Anna amasasu atatu maze amubwira ati: “Hitamwo kuba umugore wanje canke gupfa.” Yamubwiye imvo zitatu zituma atemera kuba umugore wiwe, imwimwe yose ikaba yari ihuye n’urusasu rumwe, iyari ihambaye cane kuruta izindi ikaba yari iyo Bibiliya ivuga ijanye no kwubaka “mu Mukama gusa.” (1 Kor. 7:39) Uwo mugabo yaciye ahindukira aragenda.

“Nta kintu na kimwe gishobora guhagarika igikorwa ca Yehova, naho yoba intambara y’abanyagihugu”

Mu 2012, Anna, ubu akaba ari umutsimvyi asanzwe, aho yumviye ko i Arawa hari inkenero y’abamamaji b’Ubwami, yarasubiyeyo ari kumwe n’uwundi mutsimvyi kugira bafashe gutanguza umugwi uri ukwa wonyene. Hari abamubajije nimba ata ngorane bimutera gusubira ahantu yabonye habera ubwicanyi butagira izina akongera akahabonera amabi mu kiringo c’intambara. Yishuye ati: “Numva gusa mpimbawe no kugaruka ng’aha. Nta kintu na kimwe gishobora guhagarika igikorwa ca Yehova, naho yoba intambara y’abanyagihugu.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika