IKIBAZO CA 2
Ushobora gute kwiga ivyerekeye Imana?
“Iki gitabu c’itegeko ntikize kive mu kanwa kawe; uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri co vyose; kuko ari ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi.”
“Babandanya gusoma n’ijwi ryumvikana muri nya gitabu, mw’itegeko ry’Imana y’ukuri, rikaza rirasigurwa ryongera ritangirwa insobanuro; babandanya gutuma ukwo gusoma gutegereka.”
“Hahiriwe umuntu atagendeye mu nama y’ababisha . . . , ahubwo ahimbarwa n’itegeko rya Yehova, kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro. . . .
 Ico akora cose kizokunda.”
“Filipo arirukanga hambavu, amwumva asoma ivyanditswe na Yesaya umuhanuzi n’ijwi ryumvikana, avuga ati: ‘Uratahura vy’ukuri ivyo uriko urasoma?’ Na we ati: ‘Mu vy’ukuri, noshobora gute kubitahura hatagize uwundongōra?’”
“Kamere zayo zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo, ku buryo ata co bireguza.”
“Uzirikane ivyo bintu; nubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.”
“Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.”
“Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe; kandi azobuhabwa.”