IKIBAZO CA 20
Woshobora gute kwungukira cane ku busomyi bwawe bwa Bibiliya?
NUZE URISHURA IBI BIBAZO IGIHE COSE USOMYE BIBILIYA:
Ibi binyigishije iki ku vyerekeye Yehova Imana?
Ni gute iki gice co mu Vyanditswe gishigikira ubutumwa bwo muri Bibiliya?
Ibi nobishira mu ngiro gute mu buzima bwanje?
Iyi mirongo noyikoresha gute mu gufasha abandi?
“Ijambo ryawe ni itara ry’ikirenge canje, rikaba n’umuco w’ibarabara ryanje.”