ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fg icig. 3 ibibazo 1-4
  • Iyo nkuru nziza yoba vy’ukuri iva ku Mana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyo nkuru nziza yoba vy’ukuri iva ku Mana?
  • Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki twokwigishwa n’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Bibiliya Iva ku Mana Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Inkuru nziza iva ku Mana
fg icig. 3 ibibazo 1-4

ICIGWA CA 3

Iyo nkuru nziza yoba vy’ukuri iva ku Mana?

1. Bibiliya ikomoka kuri nde?

Bibiliya zitandukanye be n’ivyandikano vya Bibiliya vya kera

Muri Bibiliya ni ho dusanga inkuru nziza ivuga ko abantu bazobaho ibihe bidahera kw’isi. (Zaburi 37:29) Bibiliya igizwe n’ibitabu bitobito 66. Imana yakoresheje abantu b’abizigirwa nka 40 mu kuyandika. Ibitabu bitanu vya mbere vyanditswe na Musa haraheze nk’imyaka 3.500. Igitabu ca nyuma canditswe n’intumwa Yohani haraheze imyaka irenga 1.900. None abo banditsi ba Bibiliya banditse ivyiyumviro vya nde? Imana yavugana na bo ibicishije ku mpwemu yayo nyeranda. (2 Samweli 23:2) Banditse ivyiyumviro vy’Imana ntibanditse ivyabo. Ni co gituma Bibiliya ikomoka kuri Yehova.—Soma 2 Timoteyo 3:16; 2 Petero 1:20, 21.

Raba ividewo Bibiliya ikomoka kuri nde?

2. Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

Ikitumenyesha ko Bibiliya ikomoka ku Mana ni uko ivuga imbere y’igihe ibijanye na kazoza itihenda, ikabivuga ido n’ido. Nta muntu ashoboye ico kintu. (Yosuwa 23:14) Imana Mushoboravyose ni yo yonyene ishobora kuvuga imbere y’igihe kazoza k’umuryago w’abantu itihenda.—Soma Yesaya 42:9; 46:10.

Twokwitega ko igitabu kiva ku Mana kiba ari ikidasanzwe, kandi ni ko biri. Haramaze gutangwa amabibiliya amamiliyaridi mu ndimi amajana n’amajana. Naho Bibiliya yanditswe kera, irahuza n’ivyo abahinga bamaze guhishura. Vyongeye, abanditsi bayo 40 ntibavuguruzanya.a N’ikindi kandi, Bibiliya iraduhishurira neza urukundo rw’Imana, kandi iguma ifise ububasha bwo guhindura ubuzima bw’abantu bukamera neza kuruta. Ivyo birajijura abantu amamiliyoni yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.—Soma 1 Abatesalonika 2:13.

Raba ividewo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

3. Bibiliya ivugwamwo ibiki?

Ishusho y’Iparadizo yo mu ntango, Iparadizo yatakaye, Isegenya ryo mu gihe ca Nowa, Musa afise ya mabwirizwa 10, na Yezu ariko arigisha.

Bibiliya irimwo ahanini inkuru nziza ivuga yuko Imana ifitiye abantu umugambi ugaragaza ko ibakunda. Ivyanditswe birerekana ingene mu ntango y’ukubaho kw’abantu, umuntu yatakaje agateka yari yaratewe ko kuba mw’Iparadizo yo kw’isi bikongera bikerekana ukuntu iyo Paradizo amaherezo izogarukanwa.—Soma Ivyahishuriwe 21:4, 5.

Ijambo ry’Imana ririmwo kandi amategeko, ingingo ngenderwako be n’impanuro. Vyongeye, Bibiliya irimwo inkuru zerekeye ivyo Imana yagiranye n’abantu, ivyo bikaba bishira ahabona kamere zayo. Ku bw’ivyo, Bibiliya irashobora kugufasha kumenya Imana. Irasigura ukuntu ushobora kuba umukunzi w’Imana.—Soma Zaburi 19:7, 11; Yakobo 2:23; 4:8.

4. Ushobora gute gutahura Bibiliya?

Aka gatabu kazogufasha gutahura Bibiliya ukoresheje uburyo nyene Yezu yakoresha. Yarisunga ivyanditswe vyo muri Bibiliya maze agatanga “insobanuro y’Ivyanditswe.”—Soma Luka 24:27, 45.

Si ibintu vyinshi uzosanga bishimishije nk’iyo nkuru nziza iva ku Mana. Yamara, hari abantu batayemera, hakaba mbere n’abatayerekwa. Ntucike intege. Kugira ngo ugire icizigiro co kwironkera ubuzima budahera, bisaba ko umenya Imana.—Soma Yohani 17:3.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 2 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

a Raba agatabu Vyoba vyararemwe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika