Ururirimbo 131
Yehova ararokora
1. Yehova we, koko ur’Imana nzima!
Wakoze vyinshi pe, nta wutogushima.
Nta yindi man’ikora kumwe kwawe.
Yova he? Abans’uzohonya.
(ICITABIRIZO)
Yehov’ararokora abizerwa.
Abamusenga bagiye kubibona.
Twamamaze ata gutinya tumuhaye,
Ni we Mana iturokora bihambaye.
2. Naho mpanzwe n’urupfu ndagutabaza.
“Yehova, nkomeza, ump’ukwihangana.”
Ndazi k’unyumva mu vyo nkuganyira.
“Nkingira; Ndokora, se Mana.”
(ICITABIRIZO)
Yehov’ararokora abizerwa.
Abamusenga bagiye kubibona.
Twamamaze ata gutinya tumuhaye,
Ni we Mana iturokora bihambaye.
3. Uzokwasanira mw’ijuru nk’inkuba.
Ba bandi bakwanka bazicwa n’ubwoba.
Uzocik’ic’ushaka kuba cose, tubone
Ingen’urokora.
(ICITABIRIZO)
Yehov’ararokora abizerwa.
Abamusenga bagiye kubibona.
Twamamaze ata gutinya tumuhaye,
Ni we Mana iturokora bihambaye.
(Raba kandi Zab. 18:1, 2; 144:1, 2.)