ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/6 rup. 12-16
  • Duhe agaciro ugutanga kwa Yehova n’ukugira ibitegereka kwiwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Duhe agaciro ugutanga kwa Yehova n’ukugira ibitegereka kwiwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEHOVA ARATANGA
  • TWIGANE YEHOVA MU BIJANYE N’UGUTANGA
  • YEHOVA AGIRA IBITEGEREKA
  • TWIGANE YEHOVA MU BIJANYE NO KUGIRA IBITEGEREKA
  • Abatanga cane baragira agahimbare
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Niwigane Yehova, ube umuntu atarenza urugero
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Gutanga bizotuma ugira umunezero mwinshi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • «Inkerebutsi mu mutima» yamara yicisha bugufi
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/6 rup. 12-16

Duhe agaciro ugutanga kwa Yehova n’ukugira ibitegereka kwiwe

“Yehova ni mwiza kuri bose, kandi imbabazi ziwe ziri ku bikorwa vyiwe vyose.”—ZAB. 145:9.

WOBISIGURA GUTE?

  • Ni kamere zibiri izihe muri kamere za Yehova dushobora kurushiriza guha agaciro?

  • Dushobora gute kwigana Yehova mu bijanye n’ugutanga?

  • Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwigana Yehova mu bijanye no kugira ibitegereka?

1, 2. Abagenzi ba Yehova bafise akaryo akahe?

UMUKIRISU yitwa Monika avuga ati: “Tumaze imyaka ishika 35 twubakanye. Twe n’umunega wanje turazinanyi cane. Yamara, naho haciye iyo myaka yose, umwe wese muri twebwe aracigira kuri mugenzi we ibintu atigeze amenya!” Nta gukeka yuko ivyo ari ko biri ku bubakanye benshi no ku bagenzi benshi.

2 Turahimbarwa no kurushiriza kumenya abo dukunda. Ariko rero, mu bugenzi bwose dushobora kugira, nta na bumwe buhambaye kuruta ubwo dufitaniye na Yehova. Ntituzokwigera tumenya ibintu vyose bimwerekeye. (Rom. 11:33) Tuzokwama dufise akaryo ko kurushiriza guha agaciro kamere za Yehova kandi ivyo bizotuma tugira umunezero.—Umus. 3:11.

3. Turimbura iki muri iki kiganiro?

3 Ikiganiro giheruka caradufashije kurushiriza guha agaciro kamere ya Yehova y’ukwegereka n’iy’ukutagira nkunzi. Nimuze ubu na ho turimbure zindi zibiri muri kamere za Yehova z’igikundiro, izo na zo zikaba ari ugutanga n’ukugira ibitegereka. Ivyo biraza gutuma turushiriza gutahura ko “Yehova [ari] mwiza kuri bose, kandi [ko] imbabazi ziwe ziri ku bikorwa vyiwe vyose.”—Zab. 145:9.

YEHOVA ARATANGA

4. Gutanga kw’ukuri gusobanura iki?

4 Gutanga bisobanura iki? Inyishu tuyisanga mu majambo ya Yezu ari mu Vyakozwe 20:35 agira ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” Yezu akoresheje ayo majambo asanzwe, yarashize ahabona ico ugutanga nyakuri gusobanura. Umuntu afise iyo kamere aratanga umwanya wiwe, inguvu ziwe be n’ivyo atunze kugira ngo afashe abandi kandi ivyo akabigira anezerewe. Mu vy’ukuri, ugutanga ntikurabirwa ku kuntu ivyo umuntu atanze bingana, ahubwo kurabirwa ku mvo iba ibimutumye. (Soma 2 Abakorinto 9:7.) Nta n’umwe atanga cane kurusha Yehova “ya Mana [yacu] ihimbawe.”—1 Tim. 1:11.

5. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yerekana ko atanga?

5 Yehova yerekana gute ko atanga? Araronsa abantu bose ivyo bakeneye, harimwo n’abatamusenga. Nkako, “Yehova ni mwiza kuri bose.” “Atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Mat. 5:45) Ni co gituma igihe intumwa Paulo yariko arabwira abatemera, yavuze ko Yehova ‘yakoze ivyiza, akabaha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, akanengesereza imitima yabo ibifungurwa be n’urweze.’ (Ivyak. 14:17) Biragaragara ko Yehova aha abantu bose.—Luka 6:35.

6, 7. (a) Ni bande canecane Yehova ahimbarwa no kuronsa ivyo bakeneye? (b) Tanga akarorero kerekana ukuntu Imana ironsa abasavyi bayo b’abizigirwa ivyo bakeneye.

6 Yehova arahimbarwa canecane no kuronsa abasavyi biwe b’abizigirwa ivyo bakeneye. Umwami Dawidi yavuze ati: “Narabaye umusore, mbere ndashaje, yamara sinabonye umugororotsi yahebwe buhere, canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate.” (Zab. 37:25) Abakirisu b’abizigirwa benshi bariboneye ico kimenyamenya c’uko Yehova abitwararika. Rimbura aka karorero.

7 Mu myaka nk’ingahe iheze, hari umusuku w’igihe cose yitwa Nancy yashikiwe n’ingorane itoroshe. Avuga ivyo yibuka ati: “Nari nkeneye amadolari y’Abanyamerika 66 (nk’amarundi 100.000) yo kuriha inzu, nkaba nategerezwa kuyatanga bitarenze umusi ukurikira. Sinari nzi iyo nokuye ayo mahera. Narasenze ku bijanye n’iyo ngorane, maze nja ku gikorwa nakora co gusereva. Sinari niteze kuronka abantu benshi bagira ico bansigiye kuri uwo mugoroba kubera ko cari igihe aho wasanga hataza abantu benshi. Naratangajwe no kubona muri iryo joro haraje abakiriya batari bake. Igihe narangiza ibikorwa maze ngateranya amahera abakiriya bari bansigiye, nasanze yose hamwe angana n’amadolari y’Abanyamerika 66.” Nancy yarajijutse ko Yehova yamuhaye neza na neza ivyo yari akeneye.—Mat. 6:33.

8. Ni ingabirano iyihe Yehova yatanze igaragaza ko ari agaheta mu vy’ugutanga?

8 Ingabirano Yehova yatanze igaragaza ko ari agaheta mu vy’ugutanga, abantu bose barashobora kuyungukirako. Ni iyihe? Ni inkuka y’incungu y’Umwana wiwe. Yezu yavuze ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yoh. 3:16) “Isi” ivugwa ng’aho ni abantu. Egome, ingabirano Yehova yatanze igaragaza ko ari agaheta mu vy’ugutanga, abantu bose bahitamwo kuyemera barashobora kuyungukirako. Abizera Yezu bazoronka ubuzima butagira urugero, ni ukuvuga ubuzima budahera! (Yoh. 10:10) Hoba vy’ukuri hoshobora kuboneka ikimenyamenya kiruta ico c’uko Yehova atanga cane?

TWIGANE YEHOVA MU BIJANYE N’UGUTANGA

Abisirayeli baremeshwa kwigana Yehova mu bijanye n’ugutanga(Raba ingingo ya 9)

9. Dushobora gute kwigana Yehova mu bijanye n’ugutanga?

9 Dushobora gute kwigana Yehova mu bijanye n’ugutanga? Yehova “[a]turonsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe”; ku bw’ivyo, turakwiye kwipfuza kuba “abagabirije gusangira n’abandi,” gutyo tugatuma barushiriza kugira umunezero. (1 Tim. 6:17-19) Turakoresha duhimbawe ivyo dutunze mu guha ingabirano abo dukunda no mu gufasha abari n’ivyo bakeneye. (Soma Gusubira mu vyagezwe 15:7.) Ni igiki codufasha kwibuka gutanga? Abakirisu bamwebamwe babigenza gutya: Igihe cose bahawe ingabirano, baca barondera akaryo ko guha uwundi muntu ingabirano. Ishengero rya gikirisu ririfitiye bene wacu na bashiki bacu benshi batsimbataza agatima ko gutanga.

10. Ni uburyo buhambaye cane ubuhe bwo gutanga?

10 Bumwe mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo gutanga ni ukwitanga mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Twobigira gute? Mu gukoresha umwanya wacu n’inguvu zacu kugira ngo dufashe abandi twongere tubaremeshe. (Gal. 6:10) Kugira ngo dusuzume ukuntu turiko turavyifatamwo, twokwibaza duti: ‘Abandi boba babona ko mfise umutima ukunze wo kwitanga nkumviriza ibibaraje ishinga? Mu gihe hari umuntu ansavye kumufasha igikorwa kinaka canke kumugīra ahantu hanaka, noba nemera igihe cose bishoboka? Ni ryari mperuka gukeza bivuye ku mutima uwo mu muryango wacu canke uwo dusangiye ukwemera?’ Igihe “[tugize] akamenyero ko gutanga,” turizigira tudakeka kurushiriza kwiyegereza Yehova n’abagenzi bacu.—Luka 6:38; Imig. 19:17.

11. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe dushobora kugira ico duhaye Yehova?

11 Turashobora kandi kugira ico duhaye Yehova. Ivyanditswe biduhanura biti: “Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro.” (Imig. 3:9) Muri ivyo “bintu vy’agaciro” harimwo umwanya wacu, inguvu zacu n’ivyo dutunze, ivyo tukaba dushobora kubikoresha tutiziganya mu murimo wiwe. Mbere n’abana batoya barashobora kwiga kugira ico bahaye Yehova. Sebibondo umwe yitwa Jason avuga ati: “Igihe umuryango wacu utanze intererano ku Ngoro y’Ubwami, turareka abana bacu bakaba ari bo bashira ayo mahera mu gasandugu k’intererano. Birabanezera kubera ko, nk’uko babivuga, baba bagize ‘ico bahaye Yehova.’” Abana bahimbarwa no kugira ico bahaye Yehova bakiri bato, birashoboka rwose ko babandanya kugira ico bamuhaye bamaze gukura.—Imig. 22:6.

YEHOVA AGIRA IBITEGEREKA

12. Kugira ibitegereka bisobanura iki?

12 Iyindi kamere ya Yehova y’igikundiro ni ukugira ibitegereka. Kugira ibitegereka bisobanura iki? Ijambo ryo mu rurimi rw’intango rikunda guhindurwa ngo ‘kugira ibitegereka’ muri Bibiliya y’isi nshasha, urudome ku rundi risobanura kwiyorosha. (Tito 3:1, 2) Umuntu agira ibitegereka ntiyama ashimika kw’itegeko urudome ku rundi, eka kandi ntadadaza, canke ngo akavye, canke ngo akare bidakenewe. Ahubwo riho, arihatira gufatana abandi ukwengenga, ntiyiyobagize ukuntu ivyabo vyifashe. Usanga afise umutima ukunze wo kwumviriza abandi, kandi igihe bibereye, ariyorosha akemera ivyipfuzo vyabo maze agahindura ivyo abitezeko.

13, 14. (a) Yehova yerekana gute ko agira ibitegereka? (b) Ukuntu Imana yafashe Loti bitwigisha iki ku bijanye n’ukugira ibitegereka?

13 Yehova yerekana gute ko agira ibitegereka? Abigiranye ubuntu aritwararika inyiyumvo z’abasavyi biwe, kandi akenshi usanga ashobora kwemera ivyo basavye. Nk’akarorero, rimbura ukuntu Yehova yafashe wa mugabo w’umugororotsi Loti. Igihe Yehova yavuga ko yotikije ibisagara vya Sodomu na Gomora, yarahaye Loti ubuyobozi butomoye bwamusaba guhungira mu misozi. Ariko rero, Loti abitumwe n’imvo kanaka yaringinze asaba ko yokwemererwa guhungira ahandi hantu. Iyumvire nawe! Loti yasavye vy’ukuri Yehova ngo ahindure ubuyobozi yari yatanze!—Soma Itanguriro 19:17-20.

14 Umuntu yoshobora kwihutira kuvuga yuko Loti yagoyagoya canke yagambarara. Nakare, Yehova yari gushobora koko kumukingira aho ari ho hose, ari co gituma ubwoba bwiwe ata shingiro vy’ukuri bwari bufise. Naho vyari ukwo, ubwo bwoba bwari muri we, ni ukuvuga ko Loti yiyumvisemwo ico yiyumvisemwo, kandi Yehova yariyoroheje aremera ico asabwe. Yaremereye Loti guhungira mu gisagara yari yategekanije gutikiza. (Soma Itanguriro 19:21, 22.) Biragaragara yuko Yehova atadadaza. Ariyorosha kandi akagira ibitegereka.

15, 16. Itegeko rya Musa ryerekana gute ko Yehova agira ibitegereka? (Raba ishusho itangura.)

15 Rimbura akandi karorero kerekana ukuntu Yehova agira ibitegereka nk’uko bigaragarira muri rya Tegeko rya Musa. Mu gihe Umwisirayeli yaba akenye ku buryo atashobora gushikana umwagazi w’intama canke w’impene, yarashobora gushikana intunguru zibiri canke inuma zibiri. Ariko none tuvuge iki mu gihe Umwisirayeli yaba akenye cane ku buryo atashobora kuronka n’inuma zibiri? Muri ico gihe, Yehova yaremerera uwo Mwisirayeli w’umukene gushikana agafu gakeyi. Ariko rero, raba iki kintu gihambaye: Ntiyari kuba ifu iyo ari yo yose, ahubwo yari kuba “ifu inoze,” iyakoreshwa mu kwakira abashitsi b’iteka. (Ita. 18:6) Ni kubera iki ico kintu kiri n’ico kivuze?—Soma Abalewi 5:7, 11.

16 Dufate ko uri Umwisirayeli ukaba kandi ukenye cane. Ushitse kw’itaberenakulo ufise agafu gakeyi ko gushikana, uciye ubona Abisirayeli bifise bariko barazana ibitungwa. Woshobora kwumva utewe isoni n’ako gashikanwa kawe k’ifu gasa n’aho ata co kavuze. Uciye wibuka yuko ishikanwa ryawe riri n’ico rivuze imbere ya Yehova. Kubera iki? Kimwe coco, Yehova yasaba ko iyo fu iba ari nziza cane. Ni nk’aho Yehova yariko abwira Abisirayeli b’aboro ati: ‘Ndatahura ko udashoboye gushikana nk’ivy’abandi bashoboye, mugabo ndazi kandi yuko ivyo umpaye ari vyiza kuruta ibindi vyose ufise.’ Mu vy’ukuri, Yehova aragira ibitegereka mu kutiyobagiza ubushobozi bw’abasavyi biwe be n’ukuntu ivyabo vyifashe.—Zab. 103:14.

17. Ushobora kwemera udakeka ko Yehova yemera umurimo bwoko ki?

17 Turashobora guhumurizwa no kumenya yuko Yehova abitumwe n’uko agira ibitegereka, yemera umurimo tumurangurira n’umutima wacu wose. (Kol. 3:23) Mushiki wacu umwe ageze mu zabukuru w’Umutaliyanokazi yitwa Constance yavuze ati: “Kubwira abandi ivyerekeye Umuremyi wanje ni co kintu namye nkunda gukora kuruta ibindi vyose. Ni co gituma mbandanya kwamamaza no kuyobora inyigisho za Bibiliya. Birashika nkumva mbabaye bitumwe n’uko ntashobora gukora vyinshi kubera amagara yanje. Mugabo ndatahura ko Yehova azi ubushobozi bwanje be n’uko ankunda kandi akaba ashima ivyo nshoboye gukora.”

TWIGANE YEHOVA MU BIJANYE NO KUGIRA IBITEGEREKA

18. Abavyeyi bashobora kwigana akarorero ka Yehova mu buryo bumwe ubuhe?

18 Dushobora gute kwigana Yehova mu bijanye no kugira ibitegereka? Nusubire uzirikane ku kuntu Yehova yafashe Loti. Yehova ni we yari afise ubukuru; yamara yarumvirije abigiranye ubuntu igihe Loti yaserura inyiyumvo ziwe. Kandi yaremeye ivyo Loti amusavye. Nimba uri umuvyeyi, woba ushobora kwigana akarorero ka Yehova? Woba ushobora kwumviriza ivyo abana bawe bagusaba, maze igihe bibereye ugakora ivyo bipfuza? Mu buryo buhuye n’ico ciyumviro, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 2007 wavuze ko abavyeyi bamwebamwe boshobora kureka abana babo bakagira uruhara mu kiyago kijanye no gushinga amategeko yo mu rugo. Nk’akarorero, abavyeyi barafata ingingo yo gushingira abana babo isaha bategerezwa kuba bashitse i muhira, kandi nta gukeka ko bafise uburenganzira bwo kubigira. Naho ari ukwo, abavyeyi bakirisu boshobora kwumviriza ico abana babo bavuga ku bijanye n’iyo saha yashinzwe. Mu bihe bimwebimwe, abavyeyi boshobora guhitamwo guhindura iyo saha mu gihe bitarenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Abavyeyi boshobora kubona yuko igihe batirengagije ivyiyumviro abana babo bashikiriza ku bijanye n’amategeko yo mu rugo, abo bana barushiriza kugira agatima ko gutahura nya mategeko no kuyagamburuka.

19. Abakurambere bashobora gute kwihatira kwigana Yehova mu bijanye no kugira ibitegereka?

19 Abakurambere b’ishengero barihatira kwigana Yehova mu bijanye no kugira ibitegereka mu kwitwararika ukuntu ivy’abo basangiye ukwemera vyifashe. Niwibuke ko Yehova yaha agaciro mbere n’amashikanwa yatangwa n’Abisirayeli b’aboro. Muri ubwo buryo nyene, hari abavukanyi na bashiki bacu usanga barangura bike cane mu busuku, kumbure kubera ingorane z’amagara canke ukwiterera mu myaka. Tuvuge iki mu gihe abo bantu twikundira bumva ko bacitse intege kubera ivyo badashoboye? Abakurambere babigiranye ubuntu barashobora kubasubiriza umutima mu nda yuko Yehova abakunda kubera ko bamuha ivyiza kuruta ibindi vyose batunze.—Mrk. 12:41-44.

20. Kugira ibitegereka vyoba bisobanura kureka gukorera Imana? Sigura.

20 Ariko ntiwumve, ntidukwiye kwigera twitiranya kugira ibitegereka no kureka gukorera Imana, kugira gusa twibabarire. (Mat. 16:22) Ntitwipfuza kwiyorohereza maze ngo duce twitwaza yuko turiko turagira ibitegereka. Ahubwo riho, twese turakeneye ‘kwihata rwose’ mu gushigikira ivyungura Ubwami. (Luka 13:24) Mu vy’ukuri, turihatira kugira uburimbane hagati y’ibintu bibiri. Ku ruhande rumwe, turihata, ntitwiziganye mu murimo turangura. Ku rundi ruhande, turibuka ko Yehova atigera adusaba ivyo tudashoboye. Igihe tumuhaye ivyiza kuruta ibindi mu vyo dufise, turashobora guhera amazinda ko ahimbarwa. Ntiduhimbarwa none no gukorera Databuja nk’uwo ashima kandi agira ibitegereka? Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza izindi kamere zibiri z’igikundiro za Yehova.—Zab. 73:28.

“Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro.”—Imig. 3:9 (Raba ingingo ya 11)

“Ico mukora cose, mugikore ata kwiziganya.”—Kol. 3:23 (Raba ingingo ya 17)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika