ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Mugume muri maso”—Kubera iki bihambaye cane?
    Umunara w’Inderetsi—2011 | 15 Gitugutu
    • yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero.” (Luka 21:34) Ku bw’ivyo, abakirisu bose ntibakwiye kwitega gushikirwa n’ibintu vyose bigize ico kimenyetso. Ahubwo, Yezu yavuze ati: “Mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi.” (Luka 21:31) Uburyo bwo guhanahana amakuru bwo mu gihe ca none buradufasha kubona ibintu vyose bigize ico kimenyetso, naho bitoba biriko birashika aho duherereye.

      Uribuka kandi yuko Yehova yamaze gushinga ‘umusi n’isaha’ ya makuba akomeye azotangurirako. (Mat. 24:36) Ibintu bigenda biraba kw’isi ntibizohindura uwo musi.

      Yezu yakebuye abakirisu aho bari hose ati: “Mwame mwiteguye.” (Mat. 24:44) Dukwiye kwama twiteguye. Ariko ntiwumve, ntidushobora kumara amasaha yose buri musi turi mu bikorwa vya gitewokarasi. Vyongeye, ntituzi ico tuzoba turiko turakora ya makuba akomeye niyatangura. Bamwebamwe boshobora kuzoba bari mu ndimiro canke bariko baritwararika udukorwa tw’i muhira. (Mat. 24:40, 41) Twokora iki none kugira ngo twame twiteguye?

      Emmanuel, Victorine hamwe n’abakobwa babo batandatu, baba mu karere ko muri Afrika aho badashikirwa cane n’ibintu vyose biranga ca kimenyetso. Baciye rero bafata ingingo yo kuza baraganira ku bintu vy’impwemu buri musi kugira ngo bibafashe kwama biteguye. Emmanuel asigura ati: “Vyari bigoye kuronka umwanya worohereza bose. Twahavuye duhitamwo inusu y’isaha, guhera isaha cumi na zibiri gushika cumi na zibiri n’inusu mu gitondo. Iyo duhejeje kwihweza icanditswe c’umusi, duca dutegura ingingo nkeyi zo muri kimwe mu bisohokayandikiro biba bitegekanijwe kwigwa mw’ishengero muri iyo ndwi.” Iyo porogarama yoba none yarabafashije kuguma barikanuye? Cane nyene! Emmanuel ni umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere mw’ishengero. Victorine arakunda gukora ubutsimvyi bwo gufasha kandi yarafashije benshi kwakira ukuri. Abakobwa babo bose bariko baratera imbere neza mu vy’impwemu.

      Yezu adukebura ati: “Mugume mureretse, mugume murikanuye.” (Mrk. 13:33) Ntureke ngo hagire ikintu kigusamaza kigatuma utaguma uri maso mu vy’impwemu. Ahubwo, nutege yompi impanuro nziza ziboneka mu bisohokayandikiro vyacu be n’izitangwa ku makoraniro y’ishengero, nk’uko Arielle yabigize. Nka kumwe kw’umuryango wa Emmanuel, nugerageze kugira ico ukoze buri musi kugira ngo wame witeguye wongere ‘ugume uri maso.’

  • Nimuze tunezeranwe!
    Umunara w’Inderetsi—2011 | 15 Gitugutu
    • Nimuze tunezeranwe!

      KURONKA agahimbare n’umunezero biriko birarushiriza kuba umuzi w’ibuye. Benshi babona yuko kunezeranwa n’abandi bisa n’ibidashoboka. Ubuzima bwo mu gihe ca none, na canecane ubwo mu bisagara bininibinini, buratuma abantu bikumira bakongera bakigungira ukwabo.

      Umwigisha umwe w’icigwa kijanye n’inyifato y’abantu ari we Alberto Oliverio avuga ati: “Irungu ni ikintu usanga abantu benshi bafise,” kandi “nta gukeka ko ubuzima bwo mu bisagara bininibinini butuma vyoroha ko abantu bigungira ukwabo. Mu bihe vyinshi, biratuma twirengagiza ubuzima bw’uwo dukorana mu biro, ubw’umubanyi, canke ubw’umukozi akorera ku mangazini yo mu kibano.” Ukwigunga bene ukwo kurakunda gutuma abantu bagira akabonge.

      Ariko rero, abakirisu bagenzi bacu bobo ntibameze gutyo. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwame munezerwa.” (1 Tes. 5:16) Turafise imvo nyinshi zo guhimbarwa no kunezeranwa n’abandi. Dusenga Imana Musumbavyose Yehova; turatahura ubutumwa bwerekeye ukuri bwo muri Bibiliya; turizigiye kurokoka no kuronka ubuzima

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika