ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ‘Icabona co kwizigirwa kiri mw’ijuru’
    Umunara w’Inderetsi—2007 | 15 Mukakaro
    • ‘Icabona co kwizigirwa kiri mw’ijuru’

      ABARYOSHAMVUGO be n’abanditsi b’indirimbo baramaze igihe kirekire bahayagiza ukwezi mu kwerekana ko ari ikintu giteye igomwe. Nk’akarorero, ururirimbo rwahumetswe n’Imana ruravuga ivyerekeye umugore “mwiza nk’ukwezi” (Indirimbo ya Salomo 6:10). Vyongeye, mu buryo ndyoshamvugo, umwanditsi umwe wa Zaburi yita ukwezi ‘icabona co kwizigirwa kiri mw’ijuru’ (Zaburi 89:37). None iyo mvugo yerekeye ukwezi isobanura iki?

      Ukwezi kwama guhetura neza na neza urugendo kugira mu kuzunguruka isi uko imisi 27 n’amasaha hafi 8 birangiye. Ni co gituma ukwo kuntu ukwezi kudahemuka bishobora kwerekeza ku vy’uko ari ukwo kwizigirwa. Ariko rero, uwo mwanditsi wa Zaburi ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi insobanuro igera kure. Ukwezi yakwise ‘icabona co kwizigirwa’ mu ruririmbo rw’ubuhanuzi ruvuga ivy’Ubwami, ubwo Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba.​—Matayo 6:9, 10.

      Haraciye imyaka irenga 3.000 Yehova Imana agiriraniye isezerano ry’Ubwami n’Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera (2 Samweli 7:12-16). Intumbero y’iryo sezerano yari iyo gushiraho ishimikiro ryemewe ry’uko Yezu Kristu, we samuragwa wa Dawidi, yohawe ingoma ibihe bidahera (Yesaya 9:7; Luka 1:32, 33). Mu kwerekeza kuri iyo ngoma y’“uruvyaro” rwa Dawidi, uwo mwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Izoshimangirwa gushitsa ibihe bidashira nk’ukwezi; mw ijuru har’icabona co kubishingira intahe co kwizigirwa”.​—Zaburi 89:36, 37.

      ‘Icaka co kuganza ijoro’, ari kwo kwezi, ni ikintu kibereye kitwibutsa ukuramba kw’ubutegetsi bwa Kristu (Itanguriro 1:16). Ku vyerekeye Ubwami bwiwe, muri Daniyeli 7:14 hagira hati: “Ingoma yiwe [ni] ingoma itazovaho, kand’ubgami bgiwe [ni] ubgami butazohangura”. Ukwezi ni icabona kitwibutsa ubwo Bwami be n’imihezagiro buzohunda umuryango w’abantu.

  • Woha ikaze uwokugendera?
    Umunara w’Inderetsi—2007 | 15 Mukakaro
    • Woha ikaze uwokugendera?

      No muri iyi si y’umudurumbanyo nyene, urashobora kwironkera ubuhirwe bivuye ku bumenyi nyakuri bw’ivya Bibiliya bwerekeye Imana, Ubwami bwayo n’umugambi w’igitangaza ifitiye abantu. Niba ushaka kumenya ibindi, canke ukaba woshima ko hagira uwukugendera kugira ngo akuyoborere inyigisho ya Bibiliya i muhira iwawe ataco urishe, turakwinginze wandikire Ivyabona vya Yehova, B.P. 2150 Bujumbura, canke ukoreshe aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 2.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika