-
‘No mu busaza baba bacama’Umunara w’Inderetsi—2007 | 15 Nyakanga
-
-
‘No mu busaza baba bacama’
ABANTU benshi bo mu bihugu vya Mediterane barakunze gutera ubwoko bw’ibigazi vyitwa dattier ku mbuga hafi y’amazu yabo. Ivyo biti birazwi kubera ubwiza bwavyo be n’ivyamwa vyavyo biryoshe cane. Ikigeretseko, birabandanya kwama n’inyuma y’imyaka ijana.
Mu buryo ndyoshamvugo, Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera yadondoye ko uburebure bw’umwigeme w’Umushulamukazi yasa n’irirenga bwari bumeze nk’ubw’ikigazi (Indirimbo ya Salomo 7:7). Igitabu kimwe (Plants of the Bible) kivuga giti: “Ijambo ry’igiheburayo rikoreshwa mu kuvuga ikigazi ni ‘tàmâr’. . . . Iryo jambo ryahindutse ikintu Abayuda bakoresha mu kwerekana ubutore n’ubwiza, kandi kenshi ryarakoreshwa nk’izina ryahabwa abakobwa”. Nk’akarorero, mushiki wa Salomo bari basangiye Se yasa n’irirenga, uno akaba yitwa Tamari (2 Samweli 13:1). No muri kino gihe hariho abavyeyi bacita iryo zina abakobwa babo.
Abakenyezi basa n’irirenga si bo bonyene bogereranywa n’ikigazi. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Umugororotsi azototahara nk’ikigazi, azoshirwa hejuru nk’igiti c’isederi c’i Lebanoni. Abatewe mu rugo rw’Uhoraho bazototaharira mu nyubakwa z’Imana yacu. No mu busāza bazoba bacāma; bazogira ubukame bginshi n’itōto”.—Zaburi 92:12-14.
Mu mvugo ngereranyo, abasukurira Imana badahemuka mu busaza bwabo barafise vyinshi bahurizako n’ico kigazi giteye igomwe. Bibiliya igira iti: “Imvi ku mutwe n’igitsibo [“c’ubwiza”, NW], kiboneka mu nzira y’ubugororotsi” (Imigani 16:31). Naho inkomezi zabo z’umubiri zoyama bitewe no kwiterera mu myaka, abo bageze mu zabukuru barashobora kugumana inkomezi zo mu vy’impwemu mu kuguma bigaburira biciye ku nyigisho idahorereza y’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya (Zaburi 1:1-3; Yeremiya 17:7, 8). Bitumwe n’amajambo aremesha be n’akarorero keza batanga, abageze mu zabukuru b’intahemuka ni isoko ridasanzwe ry’indemesho ku bandi kandi baguma bama buri mwaka (Tito 2:2-5; Abaheburayo 13:15, 16). Nka kumwe kwa dattier, izo nararibonye zirashobora kwama no mu busaza bwazo.
-
-
Woha ikaze uwokugendera?Umunara w’Inderetsi—2007 | 15 Nyakanga
-
-
Woha ikaze uwokugendera?
No muri iyi si y’umudurumbanyo nyene, urashobora kwironkera ubuhirwe bivuye ku bumenyi nyakuri bw’ivya Bibiliya bwerekeye Imana, Ubwami bwayo n’umugambi w’igitangaza ifitiye abantu. Niba ushaka kumenya ibindi, canke ukaba woshima ko hagira uwukugendera kugira ngo akuyoborere inyigisho ya Bibiliya i muhira iwawe ataco urishe, turakwinginze wandikire Ivyabona vya Yehova, B.P. 2150 Bujumbura, canke ukoreshe aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 2.
-