ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 44 rup. 236-rup. 239 ing. 5
  • Gukoresha Ibibazo mu Buryo Kirumara

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukoresha Ibibazo mu Buryo Kirumara
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Gukoresha ibibazo
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gukoresha neza ibibazo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Niwigane wa Mwigisha Ahambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Woba ureka Yehova akakubaza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 44 rup. 236-rup. 239 ing. 5

ICIGWA CA 44

Gukoresha Ibibazo mu Buryo Kirumara

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nukoreshe ibibazo mu buryo buzotuma ushika ku co wipfuza. Intumbero yawe ishobora kuba ari iyo kuronka inyishu yo ku munwa; ishobora kuba ari iyo gukabura inyishu umuntu atanga yo mu bwenge. Ivyo ubaza be n’ingene ubibaza biragira ico bikoze ku kuntu wererwa mu gukoresha ibibazo.

Ni Kuki Bihambaye?

Ibibazo kirumara birafasha abumviriza kujamwo mu kiyago. Inyishu z’ibibazo bitowe neza zishobora no kuronsa umwigisha amakuru ngirakamaro.

KUBERA ko ibibazo bisaba inyishu, zaba izivuzwe canke izo mu bwenge, birafasha gutuma abakwumviriza bajamwo mu kiyago. Ibibazo birashobora kugufasha gutanguza ibiyago be no kwinovora uguhanahana ivyiyumviro n’umuntu. Bwa mushikirizansiguro n’umwigisha, ushobora gukoresha ibibazo kugira ngo uvyure ugushimishwa, kugira ngo ufashe umuntu kuzirikana ku kiganiro kinaka, canke kugira ngo wongereze ugushimika ku vyo uvuga. Igihe ukoresha neza ibibazo, uraremesha abandi kuzirikana babishashaye ha kwumviriza ataco bakora. Nugire intumbero mu muzirikanyi, maze ubaze ibibazo vyawe mu buryo buzogufasha kuyishikako.

Kugira ngo Uremeshe Ikiyago. Igihe ugiye mu busuku bwo mu ndimiro, ntugishe uturyo two gusaba abantu kugira ico bavuze nimba bavyipfuza.

Ivyabona benshi baratanguza ibiganiro bishimishije mu kubaza gusa ngo “Woba urigera kwibaza . . . ?” Igihe bahisemwo ikibazo vy’ukuri kiri mu bwenge bw’abantu benshi, ntibazobura kwinovora umwanya bamaze mu busuku bwo mu ndimiro. Naho nyene ico kibazo coba ari gishasha mu bwenge bw’umuntu muganira, coshobora kumuvyurira kurondera kumenya. Hariho ibintu binyuranye ushobora gufatirako mu gutanguza ibiyago mu gukoresha amajambo nka mwene aya “Wiyumvira iki ku . . . ?,” “Wiyumva gute ku . . . ?,” na “Woba wemera . . . ?”

Igihe umwamamazanjili Filipo yegera Umunyetiyopiya umwe yakora ku kirimba yariko arasoma cane ubuhanuzi bwa Yesaya, Filipo yaramubajije gusa ati: “Ivyo usoma urabitahuye?” (Ivyak. 8:30) Ico kibazo carugururiye inzira Filipo yo gusigura ukuri kwerekeye Yezu Kirisitu. Ivyabona bamwebamwe bo muri kino gihe bakoresheje ikibazo gisa n’ico, bararonse abantu bari bashonje vy’ukuri ugutahura neza ukuri kwa Bibiliya.

Igihe bahawe akaryo ko guserura ivyiyumviro vyabo bwite, abantu benshi bararushiriza gushaka kukwumviriza. Uhejeje kubaza ikibazo, niwumvirize witonze. Nube umugwaneza mu kwakira neza inyishu y’uwo muntu aho kuyinegura. Numukeze nimba bishoboka ko ubigira bivuye ku mutima. Igihe kimwe umunyabwenge w’ivyagezwe ahejeje ‘kwishurana ubwenge,’ Yezu yaramukeje mu kuvuga ati: “Nturi kure y’ubgami bg’Imana.” (Mrk. 12:34) Naho nyene iciyumviro c’uwundi muntu coba kidahuye n’icawe, urashobora kumushimira kuba aseruye iciyumviro afise. Ivyo avuze bishobora gutuma umenya inyifato ukwiye kugira mu kumubwira ukuri kwa Bibiliya.

Kugira ngo Winjize Ivyiyumviro Bihambaye. Igihe ubwira umugwi w’abantu canke uyaga n’umuntu umwe, nugerageze gukoresha ibibazo kugira ngo ubajane ku vyiyumviro bihambaye. Nurabe neza yuko ibibazo vyawe birimwo ibintu bishimisha koko uwukwumviriza. Ushobora no gukoresha ibibazo bikangura ubwenge kubera yuko inyishu yavyo idaca yibonekeza. Uruhutse gatoya inyuma yo kubaza ikibazo, bisa n’uko uwukwumviriza azorushiriza gutega ugutwi ibikurikira abirindiranye igishika cinshi.

Igihe kimwe, umuhanuzi Mika yarakoresheje ibibazo nka bingahe. Amaze kubaza ico Imana yiteze ku bayisenga, nya muhanuzi yarabajije ibindi bibazo bine, kimwekimwe cose kikaba cari kirimwo inyishu yoshobora kuvyishura. Ivyo bibazo vyose birafasha abasomyi kwitegurira inyishu irimwo ubwenge yakoresheje mu kurangiza ico gihimba c’ivyo yariko aravuga. (Mika 6:6-8) Woba ushobora kugira ikintu nk’ico igihe wigisha? Bigerageze.

Kugira ngo Uzirikane n’Abantu ku Kiganiro Kanaka. Ibibazo birashobora gukoreshwa kugira ngo abandi bafashwe gutahura iyo iciyumviro kinaka kiva n’iyo kija. Igihe Yehova yashikiriza Isirayeli amajambo akomeye, ivyo yarabigize nk’uko vyerekanwa muri Malaki 1:2-10. Ubwa mbere yababwiye ati: “Narabakunze.” Baranse gukenguruka urwo rukundo, ari co catumye ababaza ati: “Mbega Esau ntiyari mukuru wa Yakobo?” Maze Yehova yaradomye urutoke ku guhinduka umusaka kwa Edomu bwa kimenyamenya c’uko bivuye ku bubisha bwabo, Imana yanse iryo hanga. Ivyo yabikurikijeko ibigereranirizo bivanze n’ibibazo kugira ngo ashimike ku kuntu Isirayeli yanse kwakira neza urukundo rwiwe. Bimwebimwe muri ivyo bibazo yabibajije nk’aho umengo ba baherezi b’ibihemu ni bo bariko barabibaza. Ibindi bibazo ni ivyo Yehova yabajije abo baherezi. Ico kiganiro kirakabura inyiyumvo kandi kigakwegera ubwenge; urukurikirane rw’ivyiyumviro dusanga muri ivyo bibazo ni ntaharirizwa; ubwo butumwa na bwo, emwe, ni intibagirwa.

Abashikirizansiguro barakoresha neza ibibazo mu buryo nk’ubwo. Naho ata nyishu yo ku munwa iba yitezwe, abumviriza barabigiramwo uruhara mu bwenge bwabo, nk’aho umengo na bo barimwo mu kiyago.

Igihe turongora inyigisho za Bibiliya, turakoresha uburyo busaba yuko nya mutohoji abigiramwo uruhara. Birumvikana, birarushiriza kuba vyiza mu gihe nya mutohoji adapfa gusa gusubiramwo inyishu zanditswe. Ubigiranye ijwi riranga ubuntu, nukoreshe utundi tubazo kugira ngo ufashe nya mutohoji kuzirikana. Ku vyiyumviro vy’ishimikiro, numuremeshe gukoresha Bibiliya bwa shimikiro ry’inyishu atanga. Woshobora kandi kumubaza uti: “Ivyo turiko turayaga bihuye gute na kirya ciyumviro duhejeje gutohoza? Ni kuki bihambaye? Ubona bikwiye gukora iki ku buzima bwacu?” Mwene ubwo buryo buraba kirumara kuruta guserura ivyo wewe ubwawe wajijutsemwo, canke aho gutanga wewe ubwawe insobanuro ndende. Muri ubwo buryo, uba ufashije umutohoji gukoresha ‘ububasha bwiwe bwo kuzirikana’ mu gusenga Imana.—Rom. 12:1, NW.

Nimba umutohoji adategera iciyumviro kinaka, ihangane. Ashobora kuba ariko aragerageza kugereranya ivyo uriko umubwira n’ivyo amaze imyaka n’iyindi yemera. Gusigura ico kiganiro mu bundi buryo vyoshobora gufasha. Ariko rero, rimwerimwe harakenerwa kuzirikana na we mu buryo bworoshe cane. Nukoreshe Ivyanditswe cane. Nukoreshe ibigereranirizo. Hamwe n’ivyo, nukoreshe ibibazo vyoroshe bisaba uwo muntu kuzirikana ku bimenyamenya.

Kugira ngo Uvome Inyiyumvo Ziri mu Mutima. Igihe abantu bishura ibibazo, ntibama nantaryo bahishura ingene biyumva vy’ukuri. Bashobora gusa gutanga inyishu biyumvira yuko ukeneye. Ubukerebutsi burakenewe. (Imig. 20:5) Nk’uko Yezu yabigize, woshobora kumubaza uti: “Urizeye ivyo?”—Yoh. 11:26.

Igihe benshi mu bigishwa ba Yezu bababazwa n’ivyo yababwiye maze bakamuta, yarasavye intumwa ziwe guserura ingene biyumvira. Yababajije ati: “Mbega namwe muragomba kwīgīra?” Petero yashize inyiyumvo zabo mu majambo, ati: “Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubu[zima] budashira, natwe twarizeye, tumenya yuko wewe ur’Uwera w’Imana.” (Yoh. 6:67-69) Ikindi gihe, Yezu yabajije abigishwa biwe ati: “Abantu bagira ng’Umwana w’umuntu ndi nde?” Ivyo yabikurikijeko ikibazo cabasaba guserura icari mu mitima yabo bwite. Yababajije ati: “Ariko mweho, mugira ngo ndi nde?” Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”—Mat. 16:13-16, ni twe tubihiritse.

Igihe urongora inyigisho ya Bibiliya, ushobora gusanga ari ngirakamaro kugira nk’ukwo nyene ku bibazo bimwebimwe. Woshobora kubaza uti: “Abo mwigana kw’ishure (canke abo mukorana ku kazi) babona gute ico kintu?” Maze woshobora kubaza uti: “Wewe wiyumva gute kuri ico kintu?” Igihe uzi inyiyumvo umuntu afise vy’ukuri, biratuma wewe umwigisha bigushobokera kumubera kirumara cane kuruta.

Kugira ngo Wongereze Ugushimika. Ibibazo biranashobora kandi gukoreshwa kugira ngo vyongereze ugushimika ku vyiyumviro. Intumwa Paulo ivyo yarabigize, nk’uko tubisanga mu Baroma 8:31, 32 ahagira hati: “Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde? Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?” Urabona yuko hose ico kibazo cubakiye ku ryungane rigitangurira.

Umuhanuzi Yesaya amaze gusubiramwo urubanza Yehova yaciriye umwami wa Babiloni, yaraseruye ukujijuka gukomeye mu kwongerako ati: “Uhoraho Nyen’ingabo kw ari we yabigabiye, ni nde yobihindura? Kand’ukuboko kwiwe ko kubānguye, ni nde yogupfunya?” (Yes. 14:27) Dukurikije ibivugwamwo, ivyo bibazo biragaragaza yuko iciyumviro giserukamwo kidashobora guhakanwa. Nta nyishu iba yitezwe.

Kugira ngo Ushire Ahabona Ivyiyumviro Bitari Vyo. Ibibazo vyiyumviranywe ubwitonzi na vyo nyene ni ibikoresho bikomeye vyo gushira ahabona ivyiyumviro bitari vyo. Imbere y’uko Yezu akiza umuntu umwe, yarabajije Abafarizayo n’abanyabwenge mu Vyagezwe ati: “Mbega biremerwa gukiza umuntu kw isabato, canke ntivyemerwa?” Amaze kumukiza akurikizako ikindi kibazo ati: “Ni nde muri mwebge afise umwana cank’inka, hogira igikorokera mw iriba, ntiyoca agikūrayo kw isabato?” (Luka 14:1-6) Nta nyishu yari yitezwe, bisubiye nta n’iyatanzwe. Ivyo bibazo vyashize ahabona ivyiyumviro vyabo bitari vyo.

Rimwe na rimwe, n’Abakirisu b’ukuri barashobora kuja mu kwiyumvira ukutari kwo. Abantu bamwebamwe b’i Korinto mu kinjana ca mbere bariko bajana abavukanyi babo muri sentare kugira ngo batunganye ingorane bari bakwiye gutunganya hagati yabo. Intumwa Paulo yatunganije gute iyo ngorane? Yarabajije ibibazo nka bingahe bidomako kugira ngo abogore ivyiyumviro vyabo.—1 Kor. 6:1-8.

Uvyimenyereje, urashobora kumenya gukoresha ibibazo mu buryo kirumara. Ariko rero uribuka kuba umuntu yubaha, na canecane igihe uba uriko ubwira abantu bakuze, abantu ubwawe utazi, hamwe n’abafise ubukuru. Nukoreshe ibibazo kugira ngo ushikirize ukuri kwa Bibiliya mu buryo bukwegera.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Kugira ngo uremeshe ikiyago, nukoreshe ibibazo birimwo ibintu bifitiye akamaro koko uwo wundi muntu.

  • Imbere yuko uvuga iciyumviro gihambaye, nugerageze gukoresha ikibazo kizotuma abandi bipfuza gutega ugutwi.

  • Nukoreshe ibibazo kugira ufashe abantu kubona ishimikiro ry’ivyavuzwe, ukuntu ukuri kwashikirijwe ari ukwumvikana, be n’ingaruka nziza ivyo bishobora kugira ku buzima bwabo.

  • Nukoreshe ibibazo kugira ngo usabe umutohoji yoye gusubiramwo gusa ibimenyamenya, mugabo kandi aserure ingene yiyumva ku vyo ariko ariga.

IMYIMENYEREZO: (1) Ufise mu muzirikanyi akarere ushingamwo intahe, nutegure ibibazo nka bingahe ushobora gukoresha kugira ngo utanguze ibiyago biri n’ico bivuze ku bantu. (2) Nusome Abaroma ikigabane ca 3, ufate nka nkama ingene Paulo akoresha ibibazo kugira ngo yumvishe ingene Abayuda n’Abanyamahanga baboneka imbere y’Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika