ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Nyakanga rup. 7
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gutumira abantu ku makoraniro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gutumira abantu ku makoraniro
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nufashe abatohoji ba Bibiliya kwitaba amakoraniro
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Nyakanga rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gutumira abantu ku makoraniro

Icabona ariko araha umugabo umwe ubutumire bw’amakoraniro

IGITUMA BIHAMBAYE: Amakoraniro yama aturonsa akaryo ko ‘kuririmbira Yehova’ no ‘kumushemeza.’ (Zb 149:1) Ku makoraniro turigishwa gukora ivyo Imana igomba. (Zb 143:10) Abashimishijwe hamwe n’abo twigisha Bibiliya baratera imbere ningoga iyo batanguye kwitaba amakoraniro.

IVYO TUZOSHIKIRIZA MURI GITUGUTU: UBUTUMIRE BW’AMAKORANIRO Y’ISHENGERO

Bamwebamwe mu bitavye amakoraniro yacu ari ryo rya mbere bariboneye yuko “Imana iri kumwe na[t]we.” (1Kr 14:25) Muri Gitugutu, tuzokwihatira gutumira abantu kw’ikoraniro ry’insiguro n’Umunara. Tuzoshikiriza ubutumire bw’amakoraniro maze uwo tuganira abikunze tumwereke akavidewo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga. Mu ndwi iza hari uburyo bwo gutanguza ibiyago buzotwereka ingene twobigira.

UKO WOBIGIRA:

  • Ntutebe gutumira umuntu ku makoraniro. Si ngombwa ngo inyigisho irinde gushinga imizi.​—Ivy 22:17

  • Ivyabona vya Yehova bariko barinjira mu Ngoro y’Ubwami

    Sigurira uwashimishijwe ivyo azobona niyaza ku makoraniro umubwire n’ivyo muzohigira. Bimwe mu bikoresho wokwikorako ni ibi: Ubutumire bw’amakoraniro y’ishengero, ka kavidewo kavuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga, hamwe n’icigwa ca 5 n’ica 7 vyo mu gatabu Ivyo Yehova agomba

  • Umuvukanyi ariko arereka icanditswe umushitsi yaje ku makoraniro

    Gira ico umufashije. Mubaze nimba yoba akeneye uburyo bwo kwiyunguruza canke yipfuza kumenya impuzu zibereye yokwambara. Nimwicarane ku makoraniro, uze uramwereka mu bitabu vyawe. Mwereke abandi bamumenye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika