ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 1 rup. 3-7
  • Akabonge mu miyabaga gaterwa n’iki? Ni ibiki vyofasha?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akabonge mu miyabaga gaterwa n’iki? Ni ibiki vyofasha?
  • Be maso!—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IBISHOBORA GUTEZA AKABONGE
  • NIWITEHO AMAGARA YAWE
  • Nokwihanganira gute akabonge?
    Urwaruka ruribaza
Be maso!—2017
g17 no. 1 rup. 3-7
Umusore yicaye ku buriri bwiwe asa n’uwufise akabonge

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Akabonge mu miyabaga gaterwa n’iki? Ni ibiki vyofasha?

UMWIGEME yitwa Annaa avuga ati: “Igihe mfashwe n’akabonge, numva ata na kimwe nshaka gukora, mbere n’ibintu mba nsanzwe nkunda gukora. Mba nshaka kwiryamira gusa. Kandi kenshi numva ko ntakundwa, ata co maze be n’uko ndi umuzigo ku bandi.”

Julia na we avuga ati: “Nariyumvira ivyo kwiyahura. Ariko si uko nashaka vy’ukuri gupfa. Nashaka gusa ko uwo mubabaro wohera. Nsanzwe ndi umuntu yitwararikana, ariko iyo mfise akabonge nta na kimwe nitwararika.”

Anna na Julia batanguye kurwara akabonge igihe bagera mu buyabaga. Naho iyindi miyabaga ishobora kwiyumva nabi rimwe na rimwe, Anna na Julia bobo wasanga bashobora kumara indwi nka zingahe canke amezi bafise akabonge. Anna avuga ati: “Ni nk’aho uba waguye mu runogo udashobora kwikuramwo rwuzuye umwiza. Wumva umengo zakoranyeko, ntukiri wa wundi.”

Ibishikira Anna na Julia bishikira benshi. Igitigiri c’imiyabaga itorwa indwara y’akabonge gitera congerekana bimwe biteye ubwoba, kandi nk’uko bivugwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS), akabonge “ni co kintu nyamukuru gitera indwara n’ubumuga mu bahungu n’abakobwa bafise imyaka iri hagati ya 10 na 19.”

Ibimenyetso vy’akabonge birashobora kwibonekeza mu buyabaga. Muri vyo harimwo kubura itiro canke kuryamira, kubura akayabagu canke kurya cane, kuvyibuha cane canke guta ibiro cane. Umuntu arashobora kandi kwumva yihebuye, ababaye, akumva ko ata co amaze. Arashobora kandi kwikumira, kwibagira ibintu canke kutagumiza ubwenge ku vyo ariko arakora, kwiyumvira ivyo kwiyahura canke kugerageza kubigira, be n’ibindi bimenyetso abaganga badashobora gusigura. Iyo abaganga bo mu mutwe biketse ko umuntu arwaye akabonge, baca baraba ko afise ibimenyetso kanaka bimara indwi nka zingahe kandi bihungabanya ubuzima bwiwe.

IBISHOBORA GUTEZA AKABONGE

Twisunze ivyavuzwe n’ishirahamwe OMS, akabonge kava ku rusobangane rw’ibintu bitari bike. Karashobora kuva ku kuntu abantu bafata umuntu, ku maganya canke ku bindi bintu biba mu mubiri wiwe. Uti gute?

Ibintu biba mu mubiri. Nk’uko vyagenze kuri Julia, akenshi indwara y’akabonge iribonekeza mu bantu bo mu muryango umwe, bikaba vyerekana ko koba ari akaronda gahungabanya ukuntu ubwonko bwabo bukora. Ibindi bintu bishobora gutera iyo ndwara ni nk’indwara y’umutima be n’iyongerekana canke igabanuka ry’urugero rw’inkabuzo. Kwizizirwa n’imiti be n’ibiyovyabwenge na vyo nyene birashobora gutera iyo ndwara canke bigatuma yunyuka.b

Guhagarika umutima. Naho guhagarika umutima ubwavyo atari bibi, guhagarika umutima birenze birashobora kugirira umuyabaga nabi ku mubiri no mu mutwe, rimwe na rimwe bigatuma arwara akabonge narirya muri iyo myaka umuyabaga agira amahinduka menshi mu mubiri. Nk’uko twabivuze, ibitera akabonge ntibizwi neza kandi gashobora kuba kava ku rusobangane rw’ibintu bitari bike.

Ibintu bihagarika umutima umuyabaga bigashobora kumuteza akabonge ni nk’ukwahukana canke ugutandukana kw’abavyeyi, ukubura uwiwe, gukubagurwa canke gukorerwa amabi mu vy’igitsina, isanganya rikomeye, be n’indwara. Ikindi ni ukuba bimugora kwiga, na canecane igihe bitumye yumva ko yankwa, canke igihe abavyeyi bamwitegako ibirenze, kumbure ku bijanye n’amashure. Ibindi bishobora gutera akabonge ni ugutotezwa, kurazwa ishinga na kazoza, kutitabwaho n’umuvyeyi asanzwe arwaye akabonge canke igihe umuvyeyi ari ntahomfatwa. None umuyabaga yokora iki igihe ivyo bitumye arwara akabonge?

NIWITEHO AMAGARA YAWE

Akenshi umuntu arwaye akabonge arashobora gufashwa n’imiti be n’impanuro z’umuganga wo mu mutwe.c Yezu Kristu yavuze ati: “Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.” (Mariko 2:17) Kandi indwara irashobora gufata igihimba ico ari co cose c’umubiri wacu, harimwo n’ubwonko. Kurushiriza kwitaho amagara yacu birashobora na vyo nyene kudufasha narirya tuzi ko umubiri n’ubwonko bikorana.

Nimba urwaye akabonge, nukore ibishoboka kugira witeho amagara yawe, haba ku mubiri canke mu bwenge. Nk’akarorero, uze urafungura imfungurwa ntungamagara, uryame bihagije kandi uze uragira siporo. Siporo irongereza morale n’inguvu, kandi ituma uronka agatiro. Nimba bishoboka, nugerageze kumenya ibigutera akabonge n’ibimenyetso vyako wongere utegekanye ivyo wokora. Niwiture umuntu wizigira. Incuti n’abagenzi na bo nyene barashobora kugufasha kwihanganira akabonge no kugapfupfahaza. Nuze urandika mu gatabu ivyiyumviro ugira n’ukuntu wiyumva, ivyo bikaba vyarafashije umwe Julia twavuga mu ntango. N’ikiruta vyose, niwiteho ivy’Imana. Ivyo bizotuma urushiriza kuryohererwa ubuzima. Kanatsinda, Yezu Kristu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”​—Matayo 5:3.

Umwigeme ariko arafungura hamwe n’abavyeyi biwe, agira siporo, aryamye

Nufungure neza, ugire siporo wongere uryame bihagije

Umwigeme ariko arasoma Bibiliya

Kwitaho ivy’Imana birashobora kuguhumuriza

Anna na Julia bavuga ko ayo majambo ari ukuri kwigendera. Anna avuga ati: “Gukora ibikorwa bijanye n’ivy’Imana bituma nitaho abandi aho gutwarwa gusa n’ingorane nifitiye. Naho bitama binyorohera, bituma nezerwa cane.” Julia na we yasanze gusenga no gusoma Bibiliya bituma arema. Avuga ati: “Kubwira Imana akari ku mutima bituma ntekana. Kandi Bibiliya iramfasha kubona ko Imana impa agaciro be n’uko inyitaho vy’ukuri. Gusoma Bibiliya biratuma kandi mbona ko ejo ari heza.”

Kubera ko Yehova Imana ari we Muremyi wacu, arazi neza ko ukuntu twarezwe, ubuzima twaciyemwo be na kameremere mvukanwa bigira ico bikoze ku kuntu tubona ibintu n’ukuntu twiyumva. Ku bw’ivyo, arashobora kudufasha no kuduhumuriza, kumbure akabigira biciye kuri bagenzi bacu badutahura kandi batubabaye. N’ikindi kandi, hazogera igihe Imana idukize indwara zose. Muri Yesaya 33:24 havuga hati: “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”

Imana idusezeranira ko “izohanagura amosozi yose ku maso ya[cu], kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuwe 21:4) Wumva ivyo bidahumuriza? Nimba woshima kumenya ibindi ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye abantu, tukuremesheje kuja ku rubuga rwacu jw.org. Urahasanga Bibiliya imeze neza be n’ibiganiro bitandukanye harimwo n’ibijanye n’akabonge.

a Si ko basanzwe bitwa.

b Indwara nyinshi, imiti itari mike yo kwa muganga n’iya magendo birashobora gutuma uko umuntu yiyumva guhindagurika. Birahambaye rero ko umuntu yipimisha neza.

c Ikinyamakuru Be maso! ntikiremesha uburyo kanaka bwo kwivuza.

Ivyo abavyeyi bokora

  • Nimumenye ko abakiri bato barwaye akabonge vyoshobora kubagora guserura ukuntu biyumva canke ntibatahure ibiriko birabashikira. Boshobora mbere kuba batazi ibimenyetso vy’akabonge.

  • Akabonge k’abakiri bato karatandukanye n’ak’abakuze. Nimube maso rero ku mahinduka akomeye mwobona mu nyifato y’umwana wanyu, mu kuntu afungura, asinzira, yiyumva, yifatanya n’abandi, na canecane nimba ivyo bimenyetso bimara indwi nka zingahe.

  • Ntimufatire mu rwara ikintu cose yovuga canke yokora kijanye no kwiyahura.

  • Mwiketse ko umwana wanyu afise akabonge (atari umubabaro usanzwe gusa), nimurabe ko mwomujana kwa muganga.

  • Nimufashe umwana wanyu gukurikiza ivyo yandikiwe na muganga, kandi mwiture umuganga nimba mubona ata mitende canke mubona ko imiti yamwanse.

  • Nimwame mufise mu muryango urutonde rudahindagurika mu bijanye n’ugufungura, kugira siporo no kuryama.

  • Nimugume muyaga n’umwana wanyu mwongere mumufashe kwihanganira ingene abandi bamubona kubera arwaye akabonge.

  • Nimwame mwereka umwana wanyu ko mumukunda kuko akabonge gashobora gutuma umuntu yumva ko ari wenyene, amaramaye canke ata co amaze.

Ibintu vyogufasha kurwanya akabonge

Ibintu vyogufasha kurwanya akabonge, utuntu tukwibutsa ibintu vyiza kandi biremesha, imirongo yo muri Bibiliya, indirimbo, ibiganiro, n’ibintu vyakuryoheye mu buzima

Nimba urwaye akabonge, icogufasha gucungera ivyiyumviro vyawe n’ukuntu wiyumva ni ukwegeranya ibintu wokwikorako mu kurwanya akabonge. Ivyo bintu woshobora kubihindagura uko ushatse. Bimwe muri vyo ni ibi biri kuri uru rupapuro.

  • Nimero z’abantu woterefona igihe wumva umerewe nabi

  • Indirimbo ukunda zituma wumva ugize morale

  • Amajambo nkoramutima wumvise be n’ibiganiro biremesha wasomye

  • Amajambo aremesha yo muri Bibiliya, nka Zaburi 34:18; 51:17; 94:19; Abafilipi 4:6, 7

  • Utuntu tukwibutsa ko ufise abakunzi

  • Agatabu wandikamwo ivyiyumviro bikuremesha n’ibintu vyiza vyakuryoheye mu buzima

Akabonge karakarira abigeme

Igitigiri c’abigeme barwara akabonge kiraruta ic’abahungu. Kimwe mu bibitera ni amaganya ava ku mabi akunze gukorerwa abigeme: uri ukubarya umutima, kubakubagura canke amabi ashingiye ku vy’igitsina. Umuhinga yitwa Sharon Hersh yavuze ko “igihe umuntu yifitiye imyitwarariko yiwe maze abandi na bo bakaza basongera isibe, akenshi aca arengerwa.” N’ikindi kandi abigeme barashobora guhendwa n’ukuntu ibimenyeshamakuru bidondora umukobwa mwiza. Umwigeme rero abona ko atari mwiza canke yipfuza cane ko abandi bamushima arashobora kurwara akabonge.d

d Raba ikiganiro co muri Be maso! No. 4 2016 kivuga ngo “Twisunze Bibiliya​—Ubwiza bwo ku mubiri.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika