IKIGABANE CA KANE
Niwiyubare ku bijanye n’umutima uhemuka
1, 2. Ni kubera iki bitoroshe kumenya ukuntu umutima wacu w’ikigereranyo umeze vy’ukuri?
DUFATE ko hakiri mu gitondo ukaba ukiryamye, maze ukaza wumva imisonga mu gikiriza kandi bikanka ko uhema neza. Woshobora kwibaza uti: ‘Noba mfashwe n’indwara y’umutima?’ Iyo ngorane si iyo gufata minenegwe. Urakeneye kugira ico ukoze udatebaganye. Ni co gituma uca utabaza rusehabaniha kugira ngo uje kwisuzumisha ku muganga yakanongoreye mu vy’indwara z’umutima. Umuganga aragusuzuma yitonze, kumbure agakoresha icuma gipima ukuntu umutima utera. Guca uvurwa bidatevye birashobora gutuma udahitanwa n’iyo ndwara.
2 Bite ho ku bijanye n’umutima wacu w’ikigereranyo? Birashobora kutatworohera kumenya ukuntu umeze vy’ukuri. Kubera iki? Bibiliya igira iti: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane. Ni nde yowumenya?” (Yer. 17:9) Ku bw’ivyo, umutima wacu urashobora kuduhenda, ugatuma twibwira yuko ata ngorane yo mu buryo bw’impwemu dufise, magingo abandi bobo boba bamaze kutubonako ibimenyetso binaka kandi ivyo bikaba bibahagaritse umutima. Kubera iki none vyoshika tugahendwa? Impengamiro dufise zo gukora igicumuro zoshobora kutugirako akosho gakomeye, tutibagiye n’uko Shetani be n’ivy’iyi si bishobora kuduhuma amaso, ntitube tukibona ukuntu umutima wacu umeze vy’ukuri. Ku bijanye n’ugusuzuma umutima wacu, turashobora kugira ivyo twigiye kuri Yeremiya be n’Abayuda bo mu gihe ciwe.
3. Ni ibiki abantu benshi bahinduye imana zabo?
3 Abanyagihugu bo mu bwami bwa Yuda batari bake bari bamaze kwerekana ko imitima yabo irwaye mu buryo bw’impwemu. Bari barahevye Imana yonyene y’ukuri batangura kwambaza imana z’Abanyakanani, ivyo bakabigira ata n’umutima usimba. Yehova yabajije abantu basenga izo mana ati: “None ziri hehe za mana zawe wihinguriye? Nizihaguruke nimba zishobora kugukiza mu gihe c’ivyago vyawe. Kuko imana zawe zisigaye zingana n’igitigiri c’ibisagara vyawe, ewe Yuda!” (Yer. 2:28) Nta gukeka ko twebwe tutameze nk’abo bantu basenga ibigirwamana. Ariko rero, igitabu kimwe c’inyizamvugo gisobanura yuko ijambo “imana” ryerekeza “ku muntu canke ku kintu abantu bashirako umutima wabo wose.” Abantu benshi bo mw’isi usanga akazi bakora, amagara yabo, umuryango wabo, eka mbere na mwene vya bikoko batungira i muhira, ari vyo bashira imbere mu buzima. Abandi na bo usanga inkino, ukuba rurangiranwa, ubuhinga bwa none, ukugira ingendo, canke imigenzo yabo, ari vyo bashirako umutima wabo wose. Abenshi usanga bakurikirana ivyo bintu, bakabikaba ubucuti bogiraniye n’Umuremyi. Abakirisu b’ukuri boba bashobora kugwa muri uwo mutego wo gusenga ibigirwamana, nk’uko vyashikiye Abayuda bo mu gihe ca Yeremiya?
UMUTIMA UHEMUKA URASHOBORA KUDUHENDA
4. Abantu bavuga ngo “Ijambo rya Yehova riri hehe? Ndakwinginze rize,” boba koko babivuga bivuye ku mutima?
4 Ushobora gusanga bishimishije kuzirikana ku mirongo ikikuje amajambo Yeremiya yavuze mu kwerekana ko umutima ari mubi cane. Yumva abantu bavuga bati: “Ijambo rya Yehova riri hehe? Ndakwinginze rize.” (Yer. 17:15) Ariko none ayo majambo yoba yari avuye ku mutima? Urabona, ico kigabane ca 17 gitanguzwa n’aya majambo agira ati: “Igicumuro ca Yuda candikishijwe agasáruzo k’icuma. Gisarujwe isonga rya diyama ku gisate c’umutima wabo.” Ingorane nyamukuru abo Bayuda bo mu gihe ca Yeremiya bari bafise ni uko ‘bizigira umuntu yakuwe mw’ivu, bakishimikiza ukuboko kwabo kw’inyama, umutima wabo na wo ukava kuri Yehova.’ Abantu bari ku rushi ni bo bonyene bizigira Imana, bakarondera kuyoborwa no guhezagirwa na yo.—Yer. 17:1, 5, 7.
5. Abantu bo mu gihugu Yeremiya yavukamwo bakira gute ubuyobozi Yehova yabaha?
5 Ukuntu abenshi bakira ivyo Imana yavuga vyarerekanye ingene imitima yabo yari imeze. (Soma Yeremiya 17:21, 22.) Nk’akarorero, Isabato ni wo musi abantu bo mu gihugu Yeremiya yavukamwo bategerezwa kuruhukirako imiruho yabo ya misi yose no kurangura imirimo y’ivy’impwemu. Abo bantu babwirizwa kutagira ico bagurishije canke baguze kw’Isabato. Ariko rero, ukuntu bakiriye iryo tegeko vyarerekanye ingene umutima wabo wari umeze. “Ntibumvirije canke ngo batege ugutwi; maze bakomantaza izosi ryabo kugira ntibumve no kugira ntibemere gutozwa indero.” Naho bari bazi itegeko ry’Imana, bashira imbere inyungu zabo ku buryo no kw’Isabato bikorera ivyabo.—Yer. 17:23; Yes. 58:13.
6, 7. (a) Ni gute umukirisu yoshobora kwiyumvira mu buryo butaranga ubukerebutsi, naho yoba asanzwe azi impanuro umugwi wa mushumba w’umwizigirwa atanga muri iki gihe? (b) None ivyo vyogira ico bikoze gute ku bijanye n’ukwitaba amakoraniro yacu ya gikirisu?
6 Muri iki gihe, ntitugengwa n’itegeko rijanye n’Isabato. Yamara, hariho icigwa dukura ku kuntu abo bantu bavyifashemwo, gutyo baba berekanye ingene umutima wabo wari umeze. (Kol. 2:16) Twararetse gukurikirana imigambi yacu iranga ubwikunzi kugira ngo dukore ivyo Imana igomba. Turatahura ukuntu bwoba ari ubupfu twihitiyemwo ivyo twokora kugira ngo duhimbare Imana. Vyongeye, nta gukeka ko tumaze kumenya abatari bake usanga barituniye ku gukora ivyo Imana igomba, maze baribonera ukuntu vy’ukuri ivyo biruhura. None ko ari ukwo biri, umutima wacu ushobora gute kuduhenda?
7 Umukirisu yoshobora kwiyumvira yihenda yuko umutima wiwe utokwigera umuhenda, nk’uko vyagendeye abatari bake mu gihe ca Yeremiya. Nk’akarorero, serugo yoshobora kwiyumvira ikintu gisa n’icumvikana ati: ‘Ntegerezwa gukora uko nshoboye kwose kugira ngume mu kazi kanje kubera ko kamfasha gutunga umuryango wanje.’ Vyogenda gute none hamwe ivyo vyotuma yiyumvira ati: ‘Ndakwiye kwiyongeza amashure kugira ngo ndonke akazi k’umushahara mwiza canke ndakagumemwo’? N’ivyo nyene hari ukuntu vyumvikana, kandi vyoshobora gutuma ashika kuri iki ciyumviro: ‘Ibintu vyarahindutse, kandi kubaho muri iki gihe bisaba ko umuntu yiga kaminuza kugira ngo arambire mu kazi kiwe.’ Ese ukuntu vyoroshe ko umuntu atangura gufata minenegwe impanuro iranga ubukerebutsi kandi isaba kugira uburimbane wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge atanga ku bijanye no kwiyongeza amashure, maze bigatuma atangura kuza arasiba amakoraniro! Hari abagiye buhorobuhoro barabumbabumbwa n’ukuntu isi ibona ibintu mu bijanye n’uwo muce. (Ef. 2:2, 3) Birabereye rero kubona Bibiliya itugabisha iti: “Ntimureke ngo isi ibatsindagire mw’iforoma yayo.”—Rom. 12:2, Phillips.a
Umutima wawe woba waraguhenze ugasiba amakoraniro?
8. (a) Ni igiki gikwiye gutuma umukirisu yirata? (b) Ni kubera iki kumenya ivyerekeye Imana be n’ivyo yakoreye abasavyi bayo, vyonyene bidahagije?
8 Mu vy’ukuri, abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bari batunze, kandi bakaba kumbure bari barubahwa n’abantu bo mw’isi. Ukwo ni ko bimeze no muri kino gihe. None abo bakirisu bakwiye kubona gute ivyo barangura, kandi na twe dukwiye kubabona gute? Yehova yaratanze inyishu y’ico kibazo biciye kuri Yeremiya. (Soma Yeremiya 9:23, 24.) Aho kwiratira ivyo umuntu ashikako, vyoba biranga ubukerebutsi yemeye icese ko kumenya Umukama Segaba ari co kintu gifise agaciro kuruta ibindi vyose. (1 Kor. 1:31) None vyoba bisobanura iki gutahura Yehova mu buryo bwimbitse no kumumenya? Abantu bo mu gihe ca Yeremiya bari bazi izina ry’Imana. Vyongeye, bari bazi neza ingene yarokoye ba sekuruza babo ku Kiyaga Gitukura, igihe bariko binjira muri ca Gihugu c’isezerano, igihe bayoborwa n’Abacamanza, be n’igihe baganzwa n’abami b’abizigirwa. Naho vyari ukwo, ntibari bazi koko Yehova canke ngo bamwizere vy’ukuri. Yamara, ivyo ntivyababujije kuvuga bati: ‘Twagumye turi intungane. Ni ukuri ishavu ry’Imana ryaratuvuyeko risubira inyuma.’—Yer. 2:35.
Kubera iki bihambaye kwemera icese ko umutima wacu ari umuhemu? Twoshobora gute gusuzuma umutima wacu, gutyo tukamenya ingene Yehova, we asuzuma imitima, atubona?
UKUNTU YEHOVA ATUBUMBABUMBA
Woba uriko urareka Yehova akakubumbabumba?
9. Ni ibiki bidukura amazinda yuko abantu bashobora kugira ivyo bahinduye, kandi ivyo bobishikako gute?
9 Abayuda Yeremiya yashikiriza ubutumwa bw’Imana bari bakwiye kwikubita agashi bakagira ivyo bahinduye. Ivyo vyari gushoboka kubera ko Imana yari yabwiye abogarutse bavuye mu bunyagano iti: “Nzobaha umutima kugira bamenye jewe, bamenye yuko jewe ndi Yehova; kandi bazoba koko abantu banje, nanje mbe Imana yabo, kuko bazongarukako.” (Yer. 24:7) Abantu barashobora kugira ihinduka nk’iryo no muri iki gihe. N’ikindi kandi, abenshi muri twebwe barashobora kugira ivyo baryohoye mu bijanye n’ukuntu umutima wabo w’ikigereranyo umeze. Ng’ibi ibintu bitatu bidahara dukwiye kugira: Kwiyigisha Ijambo ry’Imana ata gufyina, gutahura bimwe vyimbitse ivyo Imana idukorera mu buzima bwacu, be no gushira mu ngiro ivyo twize ku biyerekeye. Ntidukwiye kumera nk’abo mu gihe ca Yeremiya, ahubwo riho dukwiye kwipfuza gusuzumwa na Yehova, we asuzuma imitima. Vyongeye, turashobora gusuzuma umutima wacu twifashishije Bibiliya, tukongera tukabigira biciye ku kuzirikana ku vyiza Yehova amaze kudukorera. (Zab. 17:3) Ese ukuntu biranga ubukerebutsi kubigenza gutyo!
10, 11. (a) Ni kubera iki Yeremiya yagiye kuraba umubumvyi? (b) Yehova yisunga iki mu kubumbabumba abantu?
10 Shetani ashaka gutsindagirira abantu bose mw’iforoma imwe. Ariko Imana yoyo, igihe ibumbabumba abantu, yisunga ukuntu ivyo umwumwe wese vyifashe. Ivyo biragaragarira muvyo Yeremiya yiboneye. Igihe kimwe Imana yamurungitse kuja ku nzu y’umubumvyi. Uwo mubumvyi yariko abumbira kw’ikurudumu yiwe, ariko igihe icombo yariko arabumba cononekara, yaciye afata nya bumba ryari rikiri ribisi aribumbamwo ikindi combo. (Soma Yeremiya 18:1-4.) Ni kubera iki Yeremiya yarungitswe kuraba uwo mubumvyi, kandi ni igiki dushobora kuvyigirako?
11 Yehova yashaka kwereka Yeremiya be na Isirayeli ko afise ububasha bwo kubumbabumba abantu be n’amahanga akabakuramwo ico ashaka. None Imana ibumba gute? Yehova ntameze nk’abantu b’ababumvyi; wewe nta makosa akora kandi ntapfa kuza aramenagura ivyo aba yabumvye. Ukuntu abantu bakira ukubumbabumbwa na Yehova ni vyo yisunga mu guhitamwo ico yobakoresha.—Soma Yeremiya 18:6-10.
12. (a) Yehoyakimu yakiriye gute utwigoro Yehova yagize ngo amubumbabumbe? (b) Ni icigwa ikihe ukura mu nkuru ivuga ibijanye na Yehoyakimu?
12 None Yehova abumbabumba gute abantu? Ikintu nyamukuru akoresha muri iki gihe, ni Bibiliya. Igihe umuntu asomye Ijambo ry’Imana kandi agashira mu ngiro ivyo aba yasomye, aramenya ukuntu ameze vy’ukuri, Imana na yo igashobora guca imubumbabumba. Nimuze turimbure akarorero k’Umwami Yehoyakimu kugira ngo turabe ingene abantu bo mu gihe ca Yeremiya bari gushobora kubumbabumbwa ufatiye ku vyo bakora mu buzima bwabo bwa misi yose. Itegeko ryavuga ko umuntu ‘atogunze umucangero,’ yamara uwo mwami ni vyo nyene yakoze, ararya imitsi Abisirayeli bagenziwe mu kubakoresha mu bijanye no kwubaka “inzu yagutse,” akabahemba intica ntikize. (Gus. 24:14; Yer. 22:13, 14, 17) Imana yaragerageje kubumbabumba Yehoyakimu ikoresheje Ijambo ryayo, iryo yashikiriza biciye ku bahanuzi. Yamara, uwo mwami yakoze nk’uko impengamiro y’umutima wiwe uhemuka yari iri. Yavuze ati: “Eka singamburuka,” maze aca aguma yumiye ku ngendo yarukanye. Ku bw’ivyo, Imana yavuze iti: “[Yehoyakimu] azohambwa nk’uko bahamba indogobwa y’ingabo, aburutwe yongere atabwe.” (Yer. 22:19, 21) Ese ukuntu twoba tubaye ibipfu hamwe twohanurwa, maze tukishura duti: ‘Ukwo ni ko jewe meze, nta gihinduka’! Muri iki gihe, Imana ntirungika abahanuzi nka Yeremiya, yamara ntibura gutanga ubuyobozi. Umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge uratwereka ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya twokwisunga be n’ingene twozishira mu ngiro. Ushobora gusanga zerekeye imice itandukanye y’ubuzima bwa misi yose, nk’iyijanye no kwambara be no kwitunganya canke umuziki be n’intambo bigirwa mu birori vy’ubugeni, kibure mu bindi biringo vyo kwinezereza turi kumwe n’abandi. Twoba tuzoreka ngo Ijambo ry’Imana ritubumbabumbe?
13, 14. (a) Ni kubera iki abantu b’i Yeruzalemu bari bafise abashumba b’Abaheburayo, bemeye kubarekura? (b) Ni igiki cerekanye ukuntu umutima w’abo bantu wari umeze vy’ukuri?
13 Rimbura akandi karorero. Abanyababiloni barimitse Zedekiya kugira ngo abatwarire igihugu ca Yuda. Zedekiya yaragararije, ntiyakurikiza ubuyobozi Imana yamuhaye biciye kuri Yeremiya. (Yer. 27:8, 12) Ivyo vyatumye Abanyababiloni basugereza Yeruzalemu. Umwami n’abaganwa biwe baciye babona ko bari bakwiye kugira ico bakoze kugira ngo bemerwe n’Imana. Kuba Zedekiya yari azi ko Itegeko ryasaba yuko Abaheburayo b’abashumba babwirizwa kurekurwa ku mwaka ugira indwi baba bamaze bashumvye, vyatumye agira isezerano ryo kubarekura. (Kuv. 21:2; Yer. 34:14) Umve nawe ntuze, kubera yuko Yeruzalemu hari hakikujwe n’abansi, ni ho abantu baho baciye babona ko vyoba vyiza barekuye abashumba babo!—Soma Yeremiya 34:8-10.
14 Mu nyuma, ingabo za Misiri zaraje gutabara Yeruzalemu, maze bituma Abanyababiloni bakinjura. (Yer. 37:5) None abari barekuye abashumba babo baciye bakora iki? Baciye basubira kubagira abashumba babo ku nguvu. (Yer. 34:11) Ku bwa ngingo, igihe Abayuda baba bageramiwe, ni ho baca basa n’abakurikiza ivyagezwe vy’Imana nk’aho umenga ivyo vyotumye inyifato yabo ya kera irenzwako uruho rw’amazi. Ariko igihe baba barusimvye, baca bisubirira mu vyo bahoramwo. Naho bigira nk’aho bagamburuka ivyo Itegeko ryavuga, ivyo baca bakora mu nyuma vyarerekanye ko batari bafise icipfuzo kivuye ku mutima co gukurikiza ubuyobozi bwo mw’Ijambo ry’Imana no kubumbabumbwa na bwo.
Ni icigwa ikihe ngirakamaro ushobora gukura mu vyo Yeremiya yanditse ku bijanye n’umubumvyi? Yehova atubumbabumba gute muri kino gihe?
NIWEMERE KUBUMBABUMBWA NA YEHOVA
15. Wewe woshima ko Yehova akubumbabumba ku rugero rungana iki? Bitangire akarorero.
15 Biciye kw’ishengero rya Yehova rikwiye kw’isi yose, nta gukeka ko dushobora kumenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya usanga zikora ku nyifato kanaka y’umuntu. Nk’akarorero, nta gukeka ko tuzi ingene twovyifatamwo igihe umuvukanyi atubabaje. (Ef. 4:32) Turakwiye kwemera tudakeka ko impanuro Bibiliya itanga ari iz’ukuri kandi ko ziranga ubukerebutsi. Ariko none, tuzogaragaza ko turi ibumba rimeze gute? Twoba koko tuzokwemera kubumbabumbwa na Yehova? Nimba umutima wacu woroshe kubumbabumba, tuzorushiriza kugira ivyo turyohoye; wa Mubumvyi Mukuru na we azotubumbabumbamwo icombo azokoresha cane. (Soma Abaroma 9:20, 21; 2 Timoteyo 2:20, 21.) Aho kugaragaza inyifato yo mu mutima nk’iya Yehoyakimu canke iy’abantu bo mu gihe ca Zedekiya bari bafise abashumba, dukwiye nyabuna kwemera Yehova akatubumbabumbamwo ivyombo biteye iteka.
16. Ni ukuri guhambaye ukuhe Yeremiya yari azi neza?
16 Mbere na Yeremiya yararetse Imana iramubumbabumba. None uwo muhanuzi yari afise agatima akahe? Agatima yari afise karagaragarira muri aya majambo ubwiwe yavuze, ati: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” Yaciye atakamba ati: “Nunkosore, ewe Yehova.” (Yer. 10:23, 24) Yemwe rwaruka, mwoba muzokwigana Yeremiya? Nta gukeka yuko mufise imigambi itari mike mwishingiye. Hari abakiri bato bashaka ‘kuyobora ubwabo intambuko zabo.’ Woba uzokwisunga ubuyobozi Imana itanga igihe ufata ingingo? Nka kumwe kwa Yeremiya, woba uzokwemera wicishije bugufi ko abantu badashoboye kuyobora intambuko zabo? Urama wibuka iki kintu: Niwarondera kuyoborwa n’Imana, izokubumbabumba.
17-19. (a) Ni kubera iki Yeremiya yagize urugendo rurerure gushika kuri Efurate? (b) Ni igiki cari guhava gituma ukugamburuka kwa Yeremiya kugeragezwa? (c) Ivyo Yeremiya yakoze ku bijanye n’umukaba vyari bifise intumbero iyihe?
17 Igikorwa Yeremiya yari yarashinzwe casaba ko agamburuka ubuyobozi Imana yamuha. Iyo uza kuba uri Yeremiya, woba wari kwemera ubuyobozi ubwo ari bwo bwose uhawe n’Imana? Igihe kimwe, Yehova yabwiye Yeremiya gutora umukaba wo mu nyuzi z’ilino ngo awukenyere. Ivyo biheze, Imana yamutegetse kuja kuri Efurate. Hamwe woraba kw’ikarata urashobora kubona ko urwo rugendo yagize rwareha n’ibilometero nka 500. Yeremiya ashitseyo yabwirizwa kunyegeza uwo mukaba mu mugaga w’urutare maze agaca agaruka i Yeruzalemu. Mu nyuma Imana yaramutegetse gusubirayo ngo atore wa mukaba. (Soma Yeremiya 13:1-9.) Muri izo ngendo zose yagize agenda agaruka, Yeremiya ashobora kuba yagenze ibilometero bishika 2.000. Abasobanuzi b’ivya Bibiliya ntibemera ko uwo muhanuzi yoba koko yaragize urwo rugendo rurerure gutyo, akamara amezi n’ayandi agenda n’amaguru.b (Ezr. 7:9) Naho ari ukwo, ivyo ni vyo Imana yari yavuze kandi Yeremiya yarabikoze.
18 Niwihe ishusho uwo muhanuzi ariko ararenga arenguka mu misozi yo mu gihugu ca Yuda, kumbure aca no mu bugaragwa ariko aja kuri Efurate. Aho hose ntuze kwari ukugira aje kunyegeza umukaba w’ilino gusa! Igihe kirekire yamaze ataboneka gitegerezwa kuba caratumye ababanyi biwe bibaza iyo yari ari. Aho agarukiye ntiyari afise wa mukaba w’ilino. Imana yaciye imubwira kwongera kugira urwo rugendo rurerure kugira ngo aje gutora wa mukaba aho yari yawuzitse, uwari umaze kwononekara ukaba kandi ‘ata co wari ukimaze.’ Iyumvire nawe ukuntu vyari vyoroshe ko Yeremiya yibwira ati: ‘Yehova na we arakavya! Jewe simbona ico bimaze.’ Yamara, kubera yuko yariko arabumbabumbwa n’Imana, ivyo nta vyo yagize. Aho kwidoga yakoze nk’uko yari yategetswe gukora!
Ni kubera iki dukwiye kugamburuka ubuyobozi Yehova atanga naho tutoba tubutahura bimwe vyuzuye?
19 Yeremiya ahejeje kugira urwo rugendo ubugira kabiri, ni ho Imana yamusigurira ivyo bintu. Ivyo bintu Yeremiya yakoze vyaratumye aronka akarorero akoresha kugira ngo ashikirize ubutumwa bukomeye bugira buti: “Aba bantu babi banka kugamburuka amajambo yanje, bagendera mu kagagazo k’umutima wabo kandi bakaguma bakurikira izindi mana kugira bazikorere bongere bazunamire, bazocika rero nk’uyu mukaba ata co ukimaze.” (Yer. 13:10) Mbega ukuntu Yehova yigishije abo basavyi biwe mu buryo bukora ku mutima! Kuba Yeremiya yaragamburukiye Yehova bimwe bivuye ku mutima mu tuntu twasa nk’aho tudahambaye, vyaragize ico biterereye mu twigoro Yehova yagize kugira ngo ashikire imitima y’abo bantu.—Yer. 13:11.
20. Ni kubera iki ukugamburuka kwawe gushobora gutuma bamwebamwe bazazanirwa, yamara ni ibiki ushobora kwizigira udakeka?
20 Muri iki gihe, abakirisu ntibasabwa kugenda n’amaguru ibilometero amajana n’amajana kugira ngo Imana igire ico ibigishije. Ariko n’aho ari ukwo, vyoba bishika ababanyi bawe canke abagenzi bawe bakazazanirwa kibure bakagutwengera mw’ijigo kubera ko ukurikirana ingendo ya gikirisu? Aho hoshobora kuba harimwo ukuntu wambara n’ingene witunganya, amahitamwo ugira mu bijanye n’amashure, umwuga ukurikirana canke mbere ibijanye n’ukuntu ubona ivyo kunywa inzoga. Woba wiyemeje kuzobaho wisunga ubuyobozi Imana itanga nk’uko Yeremiya yabigira? Amahitamwo ugira kubera ko ureka Imana ikabumbabumba umutima wawe yoshobora gutuma ushinga intahe nziza. Ni ku bw’ineza yawe y’ibihe bidahera kugamburuka ubuyobozi Yehova atanga dusanga mw’Ijambo ryiwe be no kwemera ubuyobozi butangwa biciye ku mugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’incabwenge. Ukwiye kumera nka Yeremiya, aho kureka ngo uyoborwe n’umutima uhemuka. Niwiyemeze rero kubumbabumbwa n’Imana; nuyireke ikubumbabumbemwo icombo giteye iteka izokoresha ibihe bidahera.
Ni kubera iki bihambaye cane ko turwanya imikazo iva kuri Shetani, ku mutima wacu udatunganye be n’iyiva kuri iyi si?
a Iyindi Bibiliya (NET Bible [2005]) ivuga iti: “Ntimumere nk’uko iyi si imeze.” Mu gusigura ukuntu umuntu ashobora kumera nk’uko iyi si imeze, mu kajambo k’epfo ko kuri ico canditswe, iyo Bibiliya igira iti: “Hari igihe ivyo bimushikira abizi, ikindi gihe na ho bikamushikira atabiciye n’ikanda.”
b Hari abavuga yuko Yeremiya atashitse kuri Efurate, ariko ko yagarukiye mu micungararo y’aho yari ari. Uti kubera iki? “Incabwenge imwe ivuga iti: Imvo imwe ituma bashika kuri ico ciyumviro ni ukugira ngo berekane ko uwo muhanuzi atagize urugendo nk’urwo ruruhisha, rwo kuja kuri Efurate avuye i Yeruzalemu, ivyo ngo akaba yabigize incuro zibiri zose.”