ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr17 Ruheshi rup. 1-7
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2017
  • Udutwe
  • 5-11 RUHESHI
  • 12-18 RUHESHI
  • 19-25 RUHESHI
  • 26 RUHESHI–2 MUKAKARO
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2017
mwbr17 Ruheshi rup. 1-7

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

5-11 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 51-52

“Ijambo rya Yehova riraranguka ido n’ido”

it-2-F 243 ing. 2-3

Abamedi, Ubumedi

Batsinze Babiloni bafadikanije n’Abaperesi. Mu kinjana c’umunani M.K, umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ko Yehova yohagurukije “Abamedi, bamwe bafata ifeza nk’aho ari ubusa, n’inzahabu ntibahimbare” kugira batere Babiloni, kandi “imiheto yabo izomenagura n’imisore.” (Yes 13:17-19; 21:2) Ijambo “Abamedi” ng’aha rirajamwo n’Abaperesi, kuko n’abatohozakahise b’Abagiriki ba kera bakunda gukoresha iryo jambo mu kwerekeza ku Bamedi n’Abaperesi. Ukwo kuntu basuzugura ifeza n’inzahabu vyerekana ko igihe batera i Babiloni, gusahura ivy’aho atari vyo vyari bibaraje ishinga ahubwo ko intumbero yabo nyamukuru kwari ukuhigarurira, akaba ari yo mpamvu ata giturire canke ikibuguro bari kwakira ngo bibabuze gushitsa intumbero yabo. Abamedi cokimwe n’Abaperesi bakoresha imiheto nka co kirwanisho cabo nyamukuru. Iyo miheto akenshi yaba yometseko umujumpu (gereranya na Zb 18:34) imyampi yabo na yo ikaba isongoye neza. ‘Yomenaguye imisore y’i Babiloni’ mu kubatobekeranya.—Yr 51:11.

Mu bateye Babiloni, Yeremiya (51:11, 28) avuga ko harimwo “abami b’Abamedi.” Kuba yabavuze mu bwinshi, vyerekana ko mu gihe ca Kuro hashobora kuba hariho umwami canke abami b’Abamedi bo ku rwego rwo hasi, ivyo bikaba vyarakorwa mu bihe vya kera. (Gereranya kandi na Yr 25:25.) Duca tubona ko igihe Babiloni yigarurirwa n’urunani rw’Abamedi, Abaperesi, Abelamu be n’ayandi mahanga, umumedi yitwa Dariyusi ari we “yagizwe umwami aganza ubwami bw’Abakaludaya,” akaba ashobora kuba yari yagenywe n’umwami Kuro w’umuperesi.—Dn 5:31; 9:1; raba DARIYO wa. 1.

it-2-F 365 ing. 6

Nabonide

Biratangaje kuba inkuru z’ivya kahise zivuga ko mw’ijoro Babiloni yatemba “ingabo za Kuro zinjiye muri Babiloni zitabanje kurwana.” Ivyo bisobanura ko ata gutana mu mitwe gukomeye kwahabaye, bigaca bihuza n’ubuhanuzi bwa Yeremiya bwavuga ko “abagabo b’abanyenkomezi ba Babiloni baretse kurwana.”—Yr 51:30.

it-1-F 252 ing. 2

Babiloni

Kuva kuri uyo mwaka w’intibagirwa wa 539 M.K aho ico gisagara gitembeye, ubuninahazwa bwa Babiloni bwaciye butangura kuzimangana. Kabiri kose Abanyababiloni baragerageje kwiganzura umwami w’abami w’Umuperesi ari we Dariyo wa 1 (Hystaspis), kandi irigira kabiri baciye bayisambura. Ku ngoma ya Zeruzi wa 1 igihe ico gisagara cariko kirasanurwa, Abanyababiloni barasubiye kugumuka ico gihe co Abaperesi baca barakinyaga. Alegizandere Mukuru yaripfuza ko Babiloni iba umurwa mukuru w’inganji yiwe, ariko yapfuye giturumbuka mu 323 M.K. Nikatoro yarigaruriye ico gisagara mu 312 M.K. maze aca agenda atwaye ibintu vyinshi vyaho abijana ku nkengera z’uruzi Tigiri kugira vyubakishwe umugwa mukuru mushasha wa Seleyukisi. Ariko rero mu ntango z’ubukirisu, i Babiloni hari hakiri abantu mbere n’Abayuda, akaba ari co gituma intumwa Petero yagiyeyo nk’uko bivugwa mw’ikete ryiwe. (1Pt 5:​13) Ivyandikano vyatowe ng’aho, vyerekana ko urusengero rwa Babeli rwari i Babiloni rwari rukiriho no mu 75 N.K. Nko mu kinjana ca kane N. K ico gisagara cari umusaka kandi abantu bahavuye bareka kuhaba. Cahavuye gicika “ibirundo vy’amabuye.”—Yr 51:37.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2-F 340 ing. 8

Umusozi

Ugereranya intwaro. Mu bigereranyo vyo muri Bibiliya imisozi ishobora kugereranya ubwami canke intwaro. (Dn 2:35, 44, 45; gereranya na Yes 41:15; Ivy 17:9-11, 18.) Bivuye ku ntsinzi za gisirikare, Babiloni yarahoneje ayandi mahanga ku bw’ivyo yitwa “umusozi uhonya.” (Yr 51:24, 25) Zaburi imwe yigana ukuntu Yehova agwanya abarwanantambara, imudondora ko ‘atwikiriwe n’umuco, akaba ari agakomeye kuruta imisozi y’ibicakirwa.’ (Zb 76:4) “Imisozi y’ibicakirwa” ishobora kugereranya ubwami bwarangwa n’ubukazi. (Gereranya Na 2:11-13.) Ku vyerekeye Yehova, Dawidi yavuze ati: “Watumye umusozi wanje uhagarara mu nkomezi,” kumbure akaba yashaka kuvuga ko Yehova yashize hejuru yongera arakomeza ubwami bwiwe. (Zb 30:7; gereranya na 2Sm 5:12.) Ukuba imisozi ishobora kugereranya ubwami, birafasha gutahura ibiri mu Vyahishuwe 8:​8 ahavuga “ikintu kimeze nk’umusozi munini waka umuriro.” Kuba kimeze nk’umusozi waka umuriro bishobora kuba bifitaniye isano n’intwaro itikiza nk’umuriro.

it-2-F 258 ing. 2

Ikiyaga

Amasinzi y’ingabo. Yeremiya yadondoye ko “urwamo” rw’abaje gutera Babiloni rwari “rumeze nk’ikiyaga gisebagirika.” (Yr 50:42) Ku bw’ivyo, igihe yavuga mu buryo menyeshakazoza ko l“ikiyaga” coduze kuri Babiloni, biboneka ko yariko avuga amasinzi y’ingabo zari ziyobowe n’Abamedi n’Abaperesi zoje kuhigarurira.—Yr 51:42; gereranya na Dn 9:26.

12-18 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUCURA INTIMBA 1-5

“Kurindira Yehova biradufasha kwihangana”

w12 1/6 14 ing. 3-4

‘Uzokwunama unshikire’

Naho abantu benshi bishwe n’umubabaro, Yeremiya arafise icizigiro. Aririra Yehova ati: “Emwe, uzokwibuka, wuname unshikire.” (Umurongo wa 20) Yeremiya ntakekeranya na gato. Arazi ko Yehova atazomwibagira canke ngo yibagire abasavyi biwe bigaya. None Imana mushoboravyose izokora iki?—Ivyahishuwe 15:3.

Yeremiya arazi neza ko Yehova ‘azokwunama’ ashikire abigaya vy’ukuri. Ayo majambo aratuma tubona mu bwenge ukuntu Yehova afise ikibabarwe. Mu buryo bw’ikigereranyo, Yehova we “Musumbavyose kw’isi yose” azokwunama akure abasavyi biwe mu marushwa ateye akagongwe barimwo maze asubire kubatonesha. (Zaburi 83:18) Ico cizigiro kirakomeza Yeremiya kikongera kigahoza koko umutima wiwe wuzuye intuntu. Uwo muhanuzi w’Imana w’umwizigirwa yiyemeje kurindira yihanganye gushika igihe Yehova yashinze kigeze co kurokora abasavyi biwe bigaya.—Umurongo wa 21.

w11 15/9 8 ing. 8

Yehova ni umuturi wanje

8 Yehova yari umuturi w’Abalewi uko bari bagize umuryango. Ariko rero, birahambaye kuba Umulewi umwumwe wese yarakoresha imvugo ngo “Yehova ni we muturi wanje” kugira ngo aserure ko ayobokera Imana be n’uko ayihekako. (Int. 3:24) Nk’akarorero, hari Umulewi yari umuririmvyi akaba n’uwutunganya indirimbo yavuze amajambo nk’ayo. Tumwise Asafu, naho ashobora kuba yari uwo mu rugo rwa Asafu, wa Mulewi yayobora abaririmvyi mu gihe c’Umwami Dawidi. (1 Ngo. 6:31-43) Muri Zaburi ya 73 dusoma yuko Asafu (canke umwe mu bamukomokako) yahagaritse umutima. Yarumviye agashari abanyakibi bari bamerewe neza gushika n’aho avuga ati: “Ni ukuri, natyororeye ubusa umutima wanje, kandi nkarabira ubusa ibiganza vyanje mu gutungana.” Biboneka yuko yamaze igihe adaha agaciro igikorwa Yehova yari yaramushinze; yari yibagiye ko Yehova yari umuturi wiwe. Yarahungabanye mu vy’impwemu “gushika [y]injiye aheranda hahambaye h’Imana.”—Zab. 73:2, 3, 12, 13, 17.

w07 1/6 11 ing. 3-4

Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Gucura Intimba

3:21-26, 28-33. Dushobora gute kwihanganira mbere n’imibabaro ikomeye? Yeremiya arabitubwira. Ntidukwiye kwibagira ko Yehova yuzuye imbabazi be n’uko afise ikigongwe cinshi. Turakwiye kandi kwibuka ko kuba turi bazima ari imvo ihagije ikwiye gutuma tudatakaza icizigiro, tukibuka kandi ko dukeneye kwihangana, tukitega agakiza ka Yehova dutekereje ata kwidodomba. N’ikindi kandi, turakwiye ‘gushikana umunwa wacu mu mukungugu’, ivyo bikaba bisobanura yuko twemera kwihanganira ibigeragezo bidushikira tubigiranye ukwicisha bugufi, tuzi neza ko ari ku bw’imvo nziza Imana ireka ivyo bikaba.

3:27. Guhura n’ibigerageza ukwizera mu buto bwacu hari aho vyoba bisobanura kwihanganira ibintu bigoye no gutyekezwa. Ariko ‘ni vyiza ko umuntu amenyerezwa ingogo yo kuganzwa akiri muto’, ni ukuvuga kwikorera iyo ngogo akiri muto. Uti kubera iki? Kubera yuko umuntu yize kwikorera ingogo y’ukubabazwa akiri muto bimutegura kuzokwihanganira ingorane azogira amaze gukura.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w07 1/6 9 ing. 2

Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Gucura Intimba

2:17—Ni “ijambo” irihe Yehova yashikije ku bijanye na Yeruzalemu? Biboneka ko ijambo rivugwa muri iki canditswe ryerekeza ku majambo dusanga mu Balewi 26:​17, agira ati: “Nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye”.

w07 1/6 10 ing. 5

Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Gucura intimba

5:7—Yehova yoba ahora abasavyi biwe ibigabitanyo vya ba sekuruza babo? Oya. Yehova ntahana abantu abahoye ibicumuro vya ba sekuruza babo. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze” (Abaroma 14:12). Ariko rero, ingaruka z’ivyaha zirashobora kumara igihe kirekire ku buryo zishikira n’abarutse mu nyuma. Nk’akarorero, kuba Isirayeli ya kera yaragiye mu vyo gusenga ibigirwamana, vyatumye n’Abisirayeli b’intahemuka barutse mu nyuma bitaborohera kuguma bumiye ku ngendo igororotse.​—Kuvayo 20:5.

19-25 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 1-5

“Ezekiyeli yararyoherwa no kuvuga ubutumwa bw’Imana”

w08 15/7 8 ing. 6-7

Ukuntu twovyifatamwo neza mu ngorane zidushikira mu busuku bw’inzu ku nzu

6 Igitabu ca Ezekiyeli kirahishura ikindi kintu gishobora kudufasha kuvugana ubutinyutsi. Mu vyo Ezekiyeli yeretswe, yabonye Yehova amuha umuzingo wanditsweko imbere n’inyuma amajambo y’“intimba n’amaborogo n’amahano”, maze amubwira kuwurya, ati: “Mwana w’umuntu, hāza inda yawe, n’amara yawe uyuzuze uyu muzingo nguhaye.” None ivyo bintu yeretswe vyasobanura iki? Ezekiyeli yabwirizwa kubanza kunyurwa bimwe bishitse n’ubutumwa yategerezwa gushikiriza. Ni nk’aho ubwo butumwa bwategerezwa kuba mu bimugize, bukagira ico bukoze ku kuntu yiyumva ibwina muri we. Uwo muhanuzi abandanya yigana ati: “Ndawurya; mu kanwa unsosera nk’ubūki.” Ezekiyeli yabona ko kuvuga ubutumwa bw’Imana ku mugaragaro bihimbaye nka kurya nyene kurya ubuki bihimbaye. Yabona ko guserukira Yehova be no kurangura ico gikorwa yari yashinzwe n’Imana kari agateka kadasanzwe atewe, naho nyene ivyo vyamusaba gushikiriza ubutumwa bukomeye abantu batakira neza.—Soma Ezekiyeli 2:8–3:4, 7-9.

7 Abasavyi b’Imana muri kino gihe barashobora gukura icigwa gihambaye muri ivyo Ezekiyeli yeretswe. Na twebwe nyene turafise ubutumwa bukomeye bwo gushikiriza abantu, bano bakaba batama bakenguruka utwigoro tugira. Kugira ngo tubandanye tubona ko ubusuku bwa gikirisu ari agateka Imana yaduteye, dutegerezwa gufungura neza mu buryo bw’impwemu. Kugira utumenyero two kwiyigisha ducishako canke duhorereza ntivyodufasha kwihereza Ijambo ry’Imana ku buryo ritunyura bimwe bishitse. Woba ushobora kugira ivyo uryohoye ku bijanye n’ukuntu wosoma ukongera ukiyigisha Bibiliya uvyitondeye kandi udahorereza? Woba ushobora kuzirikana kenshi kuruta ku vyo usoma?—Zab. 1:2, 3.

it-1-F 1203 ing. 1

Amara

Imfungurwa zihingurwa n’amara. Ivyo vyarakoreshejwe mu kugereranya ugutahura canke ugusobanukirwa kwo mu buryo bw’impwemu Ezekiyeli yagize mw’iyerekwa, igihe yabwirwa kurya umuzingo akawuzuza amara yiwe (mu giheburayo: me·ʽimʹ). Ezekiyeli yari gukomezwa mu buryo bw’impwemu azirikanye akongera agashira muri ntibate amajambo yari yanditswe muri uwo muzingo. Muri ubwo buryo yarafunguriwe mu vy’impwemu yongera araronswa ubutumwa yari gushikiriza abantu.—Ezk 3:1-6; gereranya na Ivy 10:8-10.

w07 1/7 12 ing. 3

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1

2:9–3:3— Ni kubera iki umuzingo w’igitabu wanditsemwo intimba n’amaborogo wasoseye Ezekiyeli? Ukuntu Ezekiyeli yabona igikorwa yashinzwe ni vyo vyatumye uwo muzingo w’igitabu umusosera. Ezekiyeli yarakenguruka agateka yari afise ko gukorera Yehova ari umuhanuzi.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w07 1/7 11 ing. 6

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1

1:4-28—Umukogote wo mw’ijuru ugereranya iki? Uwo mukogote ugereranya igice c’ishirahamwe rya Yehova co mw’ijuru, ikigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka. Ivyo biremwa bikura ububasha ku mpwemu nyeranda ya Yehova. Uwutwaye uwo mukogote, akaba agereranya Yehova, afise ubuninahazwa butagira uko bwovugwa. Ugutekana kwiwe kugereranywa n’umunywamazi mwiza cane.

w07 1/7 12 ing. 4

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1

4:1-17— Ezekiyeli yoba vy’ukuri yarasubiyemwo mu buryo bw’agakino ivyo bintu vyerekana ukuntu Yeruzalemu yari igiye kwugarizwa? Kuba Ezekiyeli asaba Yehova kumuhindurira ivyo atekesha ibifungurwa no kuba Yehova amwemerera ico kintu amusavye, birerekana vy’ukuri ko uwo muhanuzi yasubiyemwo ivyo bintu mu buryo bw’agakino. Kuryamira urubavu rw’ibumoso vyagereranya imyaka 390 y’ibigabitanyo vy’ubwami bwari bugizwe n’imiryango cumi, ikaba yatanguye mu 997 B.G.C. gushika ku gusangangurwa kwa Yeruzalemu mu 607 B.G.C. Kuryamira urubavu rw’iburyo, vyagereranya imyaka 40 y’ibigabitanyo vy’Ubuyuda, iyifata ikiringo co kuva Yeremiya agenywe ngo abe umuhanuzi mu 647 B.G.C. gushika mu 607 B.G.C. Mu kiringo c’iyo misi yose uko ari 430, Ezekiyeli yabeshejweho n’udufungurwa be n’utuzi vy’intica ntikize, ivyo bikaba vyerekana mu buryo menyeshakazoza ko hoteye amapfa mu gihe c’ukwugarizwa kwa Yeruzalemu.

26 RUHESHI–2 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 6-10

“Woba uzoshirwako ikimenyetso kizotuma urokoka?”

w16.06 16-17

Ibibazo vy’abasomyi

Umugabo Ezekiyeli yeretswe afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga be n’abagabo batandatu bafise ibirwanisho vyo kumenagura, bagereranya bande?

▪ Bagereranya ingabo zo mw’ijuru zagize uruhara mu gutikiza Yeruzalemu, zikaba zizogira n’uruhara mu gutikiza isi mbi ya Shetani kuri Harumagedoni. Kubera iki ukwo kuntu dusigaye dutahura ibintu kwumvikana?

Ezekiyeli yareretswe ibintu bibi vyariko birakorerwa i Yeruzalemu imbere y’uko ico gisagara cahemutse gitikizwa mu 607 imbere ya Kristu, arerekwa ingene ibintu vyokurikiranye gushika kuri iryo tikizwa. Yabonye abagabo batandatu bafise ibirwanisho vyo kumenagura. Yaranabonye muri bo umugabo “yambaye ilino” yari afise “agahembe k’irangi k’umunyamabanga.” (Ezk. 8:6-12; 9:2, 3) Uwo mugabo yabwiwe ati: “Nuce hagati mu gisagara, . . . ushire ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu baniha bakongera bakaboroga kubera ibintu biteye ishishi vyose biriko bikorerwa hagati muri co.” Mu nyuma, abo bagabo bafise ibirwanisho vyo kumenagura babwiwe ngo bice abantu bose bo mu gisagara badafise nya kimenyetso. (Ezk. 9:4-7) None ivyo bintu Ezekiyeli yeretswe bitwigisha iki, kandi uwo mugabo afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga ni nde?

Ubwo buhanuzi bwashikirijwe mu 612 imbere ya Kristu. Iranguka ryabwo rya mbere ryerekeza kuri ca gihe ingabo za Babiloni zatikiza Yeruzalemu, bikaba vyabaye neza na neza haciye imyaka itanu. Naho Abanyababiloni b’abapagani ari bo bemerewe gutikiza Yeruzalemu, babaye nk’abakozi ba Yehova. (Yer. 25:9, 15-18) Ivyo ni ko biri kubera ko Yehova yabakoresheje kugira ahane abantu biwe bari bahemutse. Ariko rero, ukwo gutikiza ntikwari ukwo kujaniranya abagororotsi n’ababisha. Yehova abigiranye urukundo, yaratunganije ibintu kugira arokore Abayuda batihanganira ibintu bishisha vyariko bibera muri ico gisagara.

Ezekiyeli nta ruhara yagize muri ico gikorwa co gushira ikimenyetso ku bantu canke muri iryo tikizwa. Ahubwo riho, igikorwa co gushitsa urubanza cayobowe n’abamarayika. Ubwo buhanuzi rero buradufasha kwiha ishusho y’ibiba mw’ijuru. Uretse ko Yehova yari yatumye abamarayika biwe gutunganya ivyo gutikiza abanyakibi, yari yabatumye kandi gushira ku ruhande abagororotsi kugira bazorokoke

Kera, twasigura ko mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi ryo mu gihe ca none, uwo mugabo afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga agereranya amasigarira y’abarobanuwe. Vyavugwa ko abakira neza ubutumwa twamamaza, baba baronse ikidodo c’uko bazorokoka. Ariko rero mu myaka ya vuba, vyaragaragaye ko hakwiye kuba ibihinduka mu buryo dusigura ico kintu. Twisunze ibivugwa muri Matayo 25:31-33, Yezu ni we azocira abantu urubanza. Urubanza rwiwe rwa nyuma azoruca mu gihe ca ya makuba akomeye, afate abameze nk’intama bazorokoka abatandukanye n’abameze nk’impene bazotikizwa.

None twisunze uwo muco mushasha, ni ivyigwa ibihe dukura ku vyo Ezekiyeli yeretswe? Hariho ibishika bitanu:

(1) Imbere y’uko Yeruzaremu itikizwa, Ezekiyeli na Yeremiya barabaye nk’inderetsi, nk’uko nyene Yesaya yari yarabigize imbere y’aho. Muri iki gihe, Yehova ariko arakoresha umugwi mutoyi w’abasavyi biwe barobanuwe kugira bagaburire abantu biwe bongere baburire abandi, imbere y’uko ya makuba akomeye atangura. Abakozi bo mu nzu ba Kristu bose na bo baragira uruhara mu gutanga imburi.—Mat. 24:45-47.

(2) Ezekiyeli ntiyagize uruhara mu gikorwa co gushira ikimenyetso ku borokotse, kandi n’abasavyi b’Imana muri iki gihe ni ukwo nyene. Ico bakora gusa ni ugushikiriza ubutumwa bwa Yehova, uwo ukaba ari umwe mu mice y’igikorwa cabo co kwamamaza kiyoborwa n’abamarayika.—Ivyah. 14:6.

(3) Mu gihe ca Ezekiyeli, nta n’umwe yashizwe ku ruhanga ikimenyetso nya kimenyetso, kandi no muri iki gihe ni ko biri. None abantu bakwiye gukora iki kugira bashirweko ikimenyetso c’ikigereranyo kizotuma barokoka? Bakwiye kwakira neza igikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa, bakambara kamere za gikirisu, bakiyegurira Yehova kandi bagashigikira badahemuka bene wabo na Kristu. (Mat. 25:35-40) Abakora ivyo barashobora kuronka ikimenyetso kizotuma barokoka ya makuba akomeye yimirije.

(4) Mw’iranguka ryo mu gihe ca none, wa mugabo yari afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga agereranya Yezu Kristu, uwushira ikimenyetso ku bazorokoka, naho ataboneka. Abo muri rya sinzi rinini bazoshirwako ikimenyetso mu gihe ca ya makuba akomeye nibacirwa urubanza rw’uko ari intama. Ivyo bizotuma baba ababereye kuronka ubuzima budahera ng’aha kw’isi.—Mat. 25:34, 46.

(5) Mw’iranguka ryo mu gihe ca none, ba bagabo batandatu bafise ibirwanisho vyo kumenagura, bagereranya ingabo za Yezu zo mw’ijuru ziyobowe na Yezu ubwiwe. Vuba bagiye gutikiza amahanga bongere bakureho ububisha bwose.—Ezk. 9:2, 6, 7; Ivyah. 19:11-21.

Kumenya ivyo vyigwa vy’agaciro biratuma turushiriza kwizigira ko Yehova atajaniranya abeza n’ababisha. (2 Pet. 2:9; 3:9) Vyongeye, tuributswa ko igikorwa co kwamamaza gihambaye cane muri iki gihe. Abantu bose barakeneye kwumva imburi imbere y’uko iherezo rishika!​—Mat. 24:14.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w09 15/9 23 ing. 10

Agaciro gahebuje k’inyigisho iva Ku Mana

10 Yehova ni we wenyene ashoboye kudufasha kwitegurira kazoza kubera yuko azi ibiraririye gushika. Ni we ashinga ingene kazoza k’abantu kazoba kameze. (Yes. 46:9, 10) Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burahishura yuko “umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi.” (Zef. 1:14) Ku bijanye n’uwo musi, nta gukeka ko amajambo avugwa mu Migani 11:4 azogaragara ko ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Itunga ntirigira ikimazi ku musi w’uburake, arik’ubugororotsi bukūra mu rupfu.” Igihe c’uko Yehova ashitsa urubanza rwiwe kuri iyi si ya Shetani nicagera, impagararo tuzoba dufise imbere y’Imana ni co kintu kizoba gihambaye kuruta ibindi vyose. Amahera nta co azoba amaze. Nkako, muri Ezekiyeli 7:19 hagira hati: “Bazoshiburira amafeza yabo mu nzira, n’amazahabu yabo azobabera nk’igihumane.” Kumenya ivyo imbere y’igihe birashobora kudufasha gukorana ubukerebutsi muri iki gihe.

w11 15/4 26 ing. 14

Woba ureka impwemu y’Imana ikakuyobora?

14 Nitwaba dufise ukwizera nyakuri tuzobona ko Yehova Imana atari umugani. Hamwe Imana yoba ari umugani kuri twebwe, twoshobora kwisuka bitagoranye mu ngeso mbi. Rimbura ivyabaye mu basavyi b’Imana bo mu bihe vya kera. Yehova yarahishuriye umuhanuzi Ezekiyeli yuko ibintu biteye ishishi vyariko birakorerwa mu mpisho, mu kuvuga ati: “Mbega wabonye ga mwana w’umuntu ivyo abahumure b’inzu ya Isirayeli bariko barakorera mu mwiza, umwe wese mu vyumba vy’igishusho ciwe c’indatwa? Kuko bavuga ngo: ‘Yehova ntatubona. Yehova yarahevye igihugu.’” (Ezek. 8:12) Woba wabonye icateye iyo ngorane? Ntibemera ko Yehova yari azi ivyo bariko barakora. Yehova yari umugani kuri bo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika