Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
4-10 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 42-45
“Ugusenga kw’ukuri kugarukanwa”
w99 1/3 18 ing. 3
“Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!
3 Iryo yerekwa rirerire, iryuzuye ibigabane icenda vy’igitabu ca Ezekiyeli, ryarahaye Abayuda bari mu bunyagano umuhango ukomeza ukwizera. Ugusenga gutyoroye kwosubijwe umutamana! Mu binjana n’ibindi kuva ico gihe, gushika mbere no mu gihe turimwo, iryo yerekwa ryamye ari isoko ry’indemesho ku bakunda Yehova. Uti gute? Reka tubanze twihweze ico iryo yerekwa menyeshakazoza ryasobanura kuri abo Bayuda bari mu bunyagano. Ryari rigizwe n’ibihimba bikurubikuru bine: urusengero, ubuherezi, kizigenza hamwe na nya gihugu.
it-2 1052 ing. 8
Urusengero
Urusengero Ezekiyeli yeretswe. Mu 593 imbere ya Kristu, mu mwaka ugira 14 Yeruzalemu n’urusengero rwa Salomo bisanganguwe, umuhanuzi Ezekiyeli akaba n’umuherezi yarajanywe kw’isonga ry’umusozi muremure cane mw’iyerekwa, abona urusengero runini cane rwa Yehova. (Ezk 40:1, 2) Kugira ngo Abayuda bari mu bunyagano bateterwe maze bitume bigaya, Ezekiyeli yasabwe kubwira “inzu ya Isirayeli” ikintu cose yabonye. Nta gukeka kandi ko ivyo yeretswe vyaremesheje Abayuda b’abizigirwa. (Ezk 40:4; 43:10, 11) Muri iryo yerekwa yarabwiwe ibipimo bitomoye vy’urwo rusengero. Mu gupima hakoreshwa “irenga” (irenga rirerire ryareha n’imetero 3,11) be n’“itambwe” (itambwe rirerire ryareha na santimero 51,8). (Ezk 40:5) Kubera ko ivyo bipimo vyari bitomoye cane, hari abiyumviriye ko urwo rusengero Ezekiyeli yeretswe ari rwo rwobwirijwe gufatirwako igihe Zerubabeli yubaka urusengero bamaze kuva mu bunyagano. Ariko rero nta vyemeza bitomoye bihari vy’uko ico kintu cabaye.
w99 1/3 19 ing. 10
“Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!
10 Ese ukuntu ivyo vyose bitegerezwa kuba vyararemesheje izo nyagano! Umuryango wose warasubirijwe umutima mu nda yuko uzoronka ishamvu muri ico gihugu. (Gereranya na Mika 4:4.) Ugusenga kw’ukuri kwogizeyo ikibanza co hejuru, ikibanza gikuru. Kandi urabona yuko mu vyeretswe Ezekiyeli, wa wundi kizigenza, cokimwe n’abaherezi, yobaye mw’ishamvu abanyagihugu batanze bwa ntererano. (Ezekiyeli 45:16) Nuko rero, muri ico gihugu casubijwe umutamana, abantu botanze intererano ku bw’igikorwa c’abo Yehova yogenye ngo babe imboneza, bakabashigikira mu gukurikiza ubuyobozi babaha. Muri ivyo vyose, ico gihugu kigereranya ukwungunganya, ugufashanya n’umutekano.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 412 ing. 8
Izina
Abisirayeli bitirirwa izina ry’Imana ariko ntibabayeho bisunga amategeko yayo agororotse. Ivyo vyatumye izina ry’Imana rihumanywa. (Ezk 43:8; Am 2:7) Ubuhemu bw’Abisirayeli bwatumye Imana ibahana. Ivyo na vyo nyene vyatumye ayandi mahanga aronka akaryo ko gutuka izina ry’Imana. (Gereranya na Zb 74:10, 18; Yes 52:5.) Kubera ko muri ayo mahanga batatahura ko ico gihano cavuye kuri Yehova, baciye babona ko Abisirayeli bashikiwe n’ivyago kubera ko Yehova atari ashoboye kubakingira. Ariko barihenda. Kugira Yehova akure ico ceyi kw’izina ryiwe, yaragize ico akoze aragarukana amasigarira y’Abisirayeli mu gihugu cabo.—Ezk 36:22-24.
it-2 87
Ubutungane
Ku bw’ivyo rero, Yehova yamye asaba abipfuza gutoneshwa na we kumenya ingingo ngenderwako ziwe zijanye n’ubutungane no kubaho bazisunga. (Yes 1:17, 18; 10:1, 2; Yr 7:5-7; 21:12; 22:3, 4; Ezk 45:9, 10; Am 5:15; Mk 3:9-12; 6:8; Zk 7:9-12)
11-17 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 46-48
“Imihezagiro Abisirayeli baronse bagarukanywe”
w99 1/3 19 ing. 11-12
“Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!
11 Mbega Yehova yohezagiye igihugu cabo? Nya buhanuzi burishura ico kibazo mu gushikiriza indondoro ishika ku mutima. Hari umugezi utemba uva mu rusengero, kandi uko utemba ni ko uguma waguka, ugacika uruzi rwuzuye igihe rwisesa mu Kiyaga c’Umunyu. Muri ico kiyaga, usubira kuvyura amazi atarimwo ubuzima, hanyuma uburovyi na bwo bugasagamba muri ako gace ko kw’isesero. Ku nkengera z’urwo ruzi, hari ibiti vyinshi vyama ivyamwa umwaka wose, bikaba imfungurwa kandi bigakiza.—Ezekiyeli 47:1-12.
12 Kuri abo bantu bari mu bunyagano, uwo muhango warasamiriza ukongera ukemeza ubuhanuzi bakunda cane bw’ivy’ugusubizwa umutamana bwari bwaravuzwe imbere yaho. Ntibwari ubwa mbere abahanuzi Yehova yahumekera badondora mu buryo bw’iparadizo Isirayeli yasubijwe umutamana kandi yongeye kubamwo abantu. Ubuhanuzi bwerekeye uturere twabaye umusaka twongera gusubirana, bwari bwagiye burisubiramwo kenshi. (Yesaya 35:1, 6, 7; 51:3; Ezekiyeli 36:35; 37:1-14) Abantu bokwiteze rero yuko imigisha ntangabuzima ya Yehova isesekara nk’uruzi ruva ku rusengero rwasubiye gushingwa. Ico vyovuyemwo ni uko ihanga ryari ryarapfuye mu buryo bw’impwemu ryosubiye kuba rizima. Igisata casubijwe umutamana cohezagiwe mu kuronka abagabo bibonekeje, bakomeye mu vy’impwemu—abantu b’abagororotsi kandi bashikamye nk’ibiti biri kuri za nkengera z’uruzi [Ezekiyeli] yeretswe, abagabo bobaye aba mbere mu vy’ugusubira kwubaka igihugu cari cabaye umusaka. Yesaya na we nyene yari yaranditse ivyerekeye “ibiti [bininibinini] vy’ukugororoka,” bakaba bari “[abokwubatse] ahār’imisaka kera.”—Yesaya 61:3, 4.
w99 1/3 19 ing. 10
“Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!
10 Ese ukuntu ivyo vyose bitegerezwa kuba vyararemesheje izo nyagano! Umuryango wose warasubirijwe umutima mu nda yuko uzoronka ishamvu muri ico gihugu. (Gereranya na Mika 4:4.) Ugusenga kw’ukuri kwogizeyo ikibanza co hejuru, ikibanza gikuru. Kandi urabona yuko mu vyeretswe Ezekiyeli, wa wundi kizigenza, cokimwe n’abaherezi, yobaye mw’ishamvu abanyagihugu batanze bwa ntererano. (Ezekiyeli 45:16) Nuko rero, muri ico gihugu casubijwe umutamana, abantu botanze intererano ku bw’igikorwa c’abo Yehova yogenye ngo babe imboneza, bakabashigikira mu gukurikiza ubuyobozi babaha. Muri ivyo vyose, ico gihugu kigereranya ukwungunganya, ugufashanya n’umutekano.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
w99 1/3 20 ing. 14
“Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!
14 Ivyo bintu vyashitse vyoba ari vyo vyonyene vyari bigize iranguka ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe? Oya; hari ikintu gihambaye kuruta cerekanwa. Ihweze ibi: Urusengero Ezekiyeli yabonye ntirwashoboye vy’ukuri kwubakwa nk’uko vyavuzwe. Ni vyo, Abayuda barafatanye uburemere ivyo bintu vyeretswe, eka mbere barakurikiza ido n’ido ry’ibintu bimwebimwe muri vyo ataco bahinduye. Ariko, urwo rusengero rweretswe rwose uko rungana rwari runini cane ku buryo rutokwiye no ku Musozi Moriya, aho urusengero rwa kera rwari. Ikindi, urusengero Ezekiyeli yabonye ntirwari muri ico gisagara ariko rwari kure, mu rindi shamvu, mu gihe urusengero rwa kwabiri rwubatswe ahari hubatswe urwa mbere, mu gisagara ca Yeruzalemu. (Ezira 1:1, 2) Uretse ivyo, nta ruzi buzi rwigeze rutemba ruva mu rusengero rw’i Yeruzalemu. Urumva rero ko Isirayeli ya kera yabonye iranguka ritoyi gusa ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe. Ivyo vyerekana yuko hategerezwa kuba hari iranguka rihambaye kuruta ry’iryo yerekwa, rikaba iranguka ryo mu buryo bw’impwemu.
it-1 903
Umwana w’umuntu
Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, iyo mvugo iboneka cane mu gitabu ca Ezekiyeli, aho Imana yita uwo muhanuzi “umwana w’umuntu” incuro zirenga 90. (Ezk 2:1, 3, 6, 8) Biboneka ko Imana yakoresheje iyo mvugo kugira yerekane neza ko uwo muhanuzi ari umuntu buntu yakuwe mw’ivu, ivyo bikaba vyarerekana itandukaniro ryari hagati ya Ezekiyeli umuvugizi na nyene ubutumwa yashikiriza, ni ukuvuga Imana Musumbavyose. Iyo mvugo kandi irakoreshwa ku muhanuzi Daniyeli muri Daniyeli 8:17.
18-24 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | DANIYELI 1-3
“Kudahemukira Yehova bituma duhezagirwa”
Nugume uri intahemuka ku Bwami bw’Imana
15 Bizoshika aho biba ngombwa ko abasavyi ba Yehova bitandukanya n’abandi, baba abo bakorana, abo bigana, ababanyi, incuti canke abandi. (1 Pet. 2:19) Dutegerezwa koko kwitandukanya n’abandi! Ntidukwiye gutangara bishitse isi ikatwanka kubera impagararo yacu kuko Yezu yatuburiye yuko ivyo bizodushikira. Abaturwanya benshi ntibatahura igituma bihambaye ko twebwe abakirisu tutagira aho duhengamiye mu vya politike. Mugabo twebwe turabona ko bihambaye cane.
16 Kugira tube intahemuka kuri Yehova bisaba ko dushikama igihe batugizeko iterabwoba. (Dan. 3:16-18) Abato n’abakuze bompi birashobora gushika bakagwa mu mutego wo gutinya abantu, mugabo abakiri bato ni bo canecane vyoshobora kugora kwitandukanya n’abandi. Nimba abana bawe bariko barashikirwa n’ibibazo bijanye no kuramutsa ibendera, canke kugira uruhara mu misi mikuru yo guhayagiza igihugu, ntubure kubafasha. Nukoreshe ibiringo vy’Ugusenga kwo mu muryango kugira ngo ubafashe gutahura ivyo bintu maze bashobore guhangana na vyo umutima uri mu nda. Nubafashe gusigura neza ivyo bemera kandi babigiranye icubahiro. (Rom. 1:16) Mu kubashigikira, niwibwirize kuyaga n’abigisha babo ibijanye n’ivyo bibazo, nimba bikenewe.
Gira umutima rugabo: Yehova ari kumwe nawe
13 Mu kinjana c’indwi B.G.C., abasavyi ba Yehova batatu b’Abaheburayo barahawe ikimenyamenya gitomoye c’uko Imana iha impera abagaragaza ukwizera n’umutima rugabo. Umwami Nebukadinezari yarakoranije abanyacubahiro b’Abanyababiloni maze asaba ko basenga igishusho c’inzahabu kirekire cane. Umuntu wese atari kubigira yari kwicwa aterewe mw’itanure ry’umuriro ururumba. Abo Baheburayo batatu babigiranye icubahiro babwiye Nebukadinezari bati: “Imana yacu dukorera irashobora kuturokora. Iraturokora muri iryo tanure ry’umuriro ururumba, no mu kuboko kwawe, mwami. Atari ukwo na ho, nubimenye mwami, yuko imana zawe atari zo dukorera, kandi igishusho c’inzahabu wahagaritse, ntituza kugisenga.” (Dan. 3:16-18) Iyo nkuru ikora ku mutima y’ukuntu abo Baheburayo batatu barokowe iravugwa neza muri Daniyeli 3:19-30. Naho bishoboka ko tutazokangishwa kwicwa duterewe mw’itanure ryaka umuriro, turashikirwa n’ibintu bigerageza ugutungana kwacu mugabo turashobora kwizigira tudakeka ko Imana izoduhezagira nitwagaragaza ukwizera n’umutima rugabo.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 267
Meshaki
Hari imvo zitatu zishobora kuba zatumye babona ko ibinovereye vy’umwami vyari gutuma ‘bandura’: (1) Abanyababiloni bararya ibikoko Itegeko rya Musa ryavuga ko bihumanye; (2) ntibitaho ivyo kubaga neza igikoko ngo amaraso aseseke bikwiye, hari n’aho bimwe vyoba vyaranigwa; (3) abapagani kenshi babanza gushikanira ivyo bikoko imana zabo, bakabona ko kurya inyama zavyo bijanye no gusenga izo mana zabo.—Dn 1:8; gereranya na 1Kr 10:18-20, 28.
w12 15/6 17, uruzitiro
NI BANDE BAGIZE “UBWO BWAMI BWOSE”?
Ubuhanuzi buri muri Daniyeli 2:44 buvuga yuko Ubwami bw’Imana “buzojanjagura ubwo bwami bwose [bukabuherengeteza].” Ubwo buhanuzi buvuga gusa ubwami bugereranywa n’ibihimba bitandukanye vya ca gishusho.
Tuvuge iki ku bijanye n’izindi ntwaro zose z’abantu? Ubuhanuzi busa n’ubwo buri mu Vyahishuwe burabihishura mu buryo bwagutse kuruta. Bwerekana yuko “abami b’isi yose” bazokoranirizwa hamwe ngo barwanye Yehova kuri “wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyah. 16:14; 19:19-21) Ku bw’ivyo, ubwami bugereranywa n’ico gishusho si bwo bwonyene buzotikizwa kuri Harumagedoni, ariko n’izindi ntwaro z’abantu zose zizotikizwa.
w01 1/11 5 ing. 3
Icotuma Isi Ihimbarwa
Inyishu tuyisanga muri Daniyeli 2:44. Hagira hati: “Ku ngoma z’abo bami [baganza ku mpera y’uru runkwekwe], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose . . . abo bami [bishiriyeho]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” Ni kuki Ubwami bw’Imana “bu[zo]komvomvor[a]” ubutegetsi bwo kw’isi? Kubera ko bukomeza agatima ko guhiga n’Imana kerekeye ukwidegemvya karemeshejwe na Shetani mw’itongo ryo muri Edeni. Uretse ko batarondera ineza y’umuryango w’abantu, abihatira gutsimbataza ako gatima bishira mu ngendo yo kurwanya Umuremyi. (Zaburi 2:6-12; Ivyahishuriwe 16:14, 16) Ni co gituma dutegerezwa kwibaza duti: ‘Twoba dushigikiye ubutegetsi bw’Imana canke twoba tuburwanya?’
25 NYAKANGA–1 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | DANIYELI 4-6
“Woba wamizako mu gukorera Yehova?”
Rwaruka, nimuyoborwe n’Ijambo ry’Imana
16 Ni kubera iki ukwiye kwipfuza kugamburukira Yehova mbere n’igihe uri wenyene? Niwibuke iki kintu: Urashobora kubabaza Yehova canke kunezereza umutima wiwe. (Ita. 6:5, 6; Imig. 27:11) Ivyo ukora biragira ico bikoze kuri Yehova kubera ko ‘akubabara.’ (1 Pet. 5:7) Yipfuza ko umwumviriza kugira ngo uhungukire. (Yes. 48:17, 18) Igihe bamwebamwe mu basavyi ba Yehova bo muri Isirayeli ya kera baba birengagije impanuro ziwe, vyaramubabaza. (Zab. 78:40, 41) Ariko rero, Yehova yarakunda cane umuhanuzi Daniyeli, kubera ko umumarayika umwe yamwise ‘umuntu ahimbaye cane.’ (Dan. 10:11) Uti kubera iki? Daniyeli yaguma ari intahemuka ku Mana atari gusa igihe yaba ari mu bantu mugabo n’igihe yaba ari wenyene.—Soma Daniyeli 6:10.
Woba ubona ibintu vyeranda nk’uko Yehova abibona?
12 Ntibitangaje rero kubona ibintu vyinshi bifitaniye isano n’ubuzima bw’abakirisu bagize ishengero ry’abasizwe be na bagenzi babo, bibonwa ko ari vyeranda. Ubucuti dufitaniye na Yehova ni ikintu ceranda (1 Ngoma 28:9; Zaburi 36:7). Ubucuti dufitaniye n’Imana yacu Yehova ni ubw’agaciro kanini kuri twebwe ku buryo ata kintu na kimwe canke umuntu n’umwe twemerera ko yobwonona (2 Ngoma 15:2; Yakobo 4:7, 8). Amasengesho arafise uruhara ruhambaye mu kudufasha kuguma dufitaniye na Yehova ubucuti bwa hafi. Umuhanuzi Daniyeli yarabona ko amasengesho ari ikintu ceranda cane ku buryo yabandanije akamenyero yari asanganywe ko gusenga Yehova naho vyashobora gutuma ahasiga ubuzima (Daniyeli 6:7-11). ‘Amasengesho y’abera’, ari bo bakirisu basizwe, agereranywa n’umubavu wakoreshwa mu gusenga kwabera mu rusengero (Ivyahishuriwe 5:8; 8:3, 4; Abalewi 16:12, 13). Ico kigereranyo kirashimika ku kuntu amasengesho ari ikintu ceranda. Ese ukuntu ari agateka kuba dushobora kuvugana na Segaba w’isi n’ijuru! Ntibitangaje rero kuba tubona ko isengesho ari ikintu ceranda mu buzima bwacu!
Ni kubera iki dukwiye gusenga ubudasiba?
2 Yehova yabona gute Daniyeli? Igihe umumarayika Gaburiyeli yaza kwishura rimwe mu masengesho ya Daniyeli, yadondoye uwo mumenyeshakazoza ko ari “umukundwa cane” (Daniyeli 9:20-23). Mu buhanuzi bwa Ezekiyeli, Yehova yavuze ko Daniyeli ari umugororotsi (Ezekiyeli 14:14, 20). Mu myaka n’iyindi, biboneka ko amasengesho ya Daniyeli yatumye agiranira n’Imana ubucuti bwa hafi, kikaba ari ikintu na Dariyo yemeye icese.—Daniyeli 6:16.
“Impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’”
15 Bukeye Daniyeli yaraye mu cobo c’intambwe, umwami ubwiwe yaragiye kuri ico cobo maze asemerera ati: “Yewe Daniyeli musavyi w’Imana nzima, mbeg’Imana yawe ukorera na ntaryo yashoboye kugukiza izo ntambge?” Daniyeli yaciye yishura ati: “Mugenzi nyaguhoraho, Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye.” Yehova yarahezagiye Daniyeli kubera yuko yamukorera “na ntaryo.”—Dan. 6:19-22.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli
4:10, 11, 20-22—Igiti c’inganzamarumpu Nebukadinezari yabonye mu ndoto cagereranya iki? Mu ntango, ico giti cagereranya Nebukadinezari bwa mutegetsi w’intwaro nganzasi. Ariko rero, kubera yuko iyo ntwaro ivugwa yagutse “igashika ku mpera y’isi”, ico giti gitegerezwa kuba gisigura ikintu gihambaye kuruta. Muri Daniyeli 4:17 herekana ko iyo ndoto ifitaniye isano n’ubutegetsi “Īsumba vyose” ifise ku bantu. Ico giti rero, kigereranya kandi ubusegaba Yehova afise bwo kuganza ibiriho vyose, na canecane ibiri kw’isi. Ku bw’ivyo rero, iyo ndoto iranguka mu buryo bubiri, ni ukuvuga ku bijanye n’ingoma ya Nebukadinezari be no ku bijanye n’ubusegaba bwa Yehova.
w88 1/10 30 ing. 3-5
Ibibazo vy’abasomyi
Igihe amaherezo Umuheburayo yitwa Daniyeli yazanwa imbere y’umwami, yaramubwiye na we nyene ingabire yomuha. Daniyeli yari kwambikwa impuzu y’umuyugubwe n’urunigi rw’inzahabu mw’izosi, akaba n’umutware agira gatatu mu bwami. Uwo muhanuzi abigiranye icubahiro yamwishuye ati: “Ingabirano zawe nizigume ari rwawe, impano zawe na zo uzihe abandi. Ariko ndasomera umwami iyo nyandiko, n’insobanuro ndayimumenyeshe.”— Daniyeli 5:17.
Rero Daniyeli ntiyari akeneye igiturire canke impembo kugira asobanure iyo nyandiko. Umwami yari kwigumanira izo ngabire ziwe canke akaziha uwundi. Daniyeli ntiyari kubisobanura kugira bamuhe impembo. Yari kubigira kubera ko Yehova Imana y’ukuri, ari we yari abimushoboje, akaba ari na we yagira acire urubanza Abanyababiloni.
Nk’uko tubisoma muri Daniyeli 5:29, Daniyeli amaze gusoma no gusobanura iyo nyandiko, umwami yaciye atanga itegeko ngo bahe Daniyeli za mpano. Daniyeli si we yiyambitse iyo mpuzu n’urwo runigi. Babimwambitse kw’itegeko ry’umutware yica agakiza, ari we Mwami Belushazari. Ariko ivyo ntibivuguruza ibivugwa muri Daniyeli 5:17, aho uwo muhanuzi yatomoye neza ko atarondera inyungu ziwe bwite.
dp 109 ing. 22
Amajambo ane yahinduye isi
22 Ubupfindo bwari bupfinduwe. Igihangange Babiloni cagira kigwe mu maboko y’ingabo z’Abamedi n’Abaperesi. Naho Belushazari yari aciwe intege cane n’ubwo buhanuzi bubura akaga, ntiyihindukije mw’ijambo. Yategetse abasuku biwe kwambika Daniyeli impuzu y’umuyugubwe, n’urunigi rw’inzahabu mw’izosi no gutangaza ko abaye umutware agira gatatu mu bwami. (Daniyeli 5:29) Daniyeli ntiyavyanse, kuko yabona ko bwari uburyo bwo gutera iteka Yehova. Belushazari ashobora kuba yariyumvira ko gutera iteka umuhanuzi wa Yehova vyotumye Yehova amucira ngufi. Ariko nta co yari agikiza.