Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
4-10 KIGARAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZEFANIYA 1–HAGAYI 2
“Rondera Yehova umusi w’ishavu ryiwe utarashika”
w01 1/3 9 ing. 5-7
Rondera Yehova Umusi w’Uburake Bwiwe Utaraza
5 Woshobora kuvuga uti: ‘Ndi umusavyi w’Imana yiyeguye, yabatijwe, umwe wo mu Vyabona vya Yehova. None simaze gukwiza ivyo bintu bisabwa?’ Mu vy’ukuri, hari ibindi bisabwa uretse kwiyegurira Yehova kwacu. Isirayeli ryari ihanga ryiyeguye, ariko mu gihe ca Zefaniya abanyagihugu bo mu Buyuda ntibariko babaho bisunga ukwo kwiyegura. Amaherezo ivyo vyatumye iryo hanga riterwa akagere. ‘Kurondera Yehova’ muri iki gihe birimwo gutsimbataza no kuzigama ubucuti burangwa igishika umuntu agiranira na we mu kwifatanya n’ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi. Ni ukuvuga kumenya ingene Imana ibona ibintu kandi tukitwararika inyiyumvo zayo. Turondera Yehova mu gihe twiga Ijambo ryiwe twitonze, tukarizirikanako, kandi tugashira mu ngiro impanuro turikuramwo mu buzima. Vyongeye, uko turondera ubuyobozi bwa Yehova mw’isengesho duturana ubwira tukongera tugakurikira uburongozi bw’impwemu yiwe yera, ubucuti tugiranira na we buragera ibwina maze tukagoberwa no kumusukurira ‘n’umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, be n’inkomezi zacu zose.’—Gusubira mu Vyagezwe 6:5; Ab’i Galatiya 5:22-25; Ab’i Filipi 4:6, 7; Ivyahishuriwe 4:11.
6 Ikintu ca kabiri gisabwa cavuzwe muri Zefaniya 2:3 ni “[uku]ronder[a] ubugororotsi.” Benshi muri twebwe twaragize amahinduka ahambaye kugira ngo tube abakwiriye ibatisimu ya gikirisu, ariko dutegerezwa kubandanya kuguma ku ngingo ngenderwako z’Imana zigororotse mu buzima bwacu bwose. Bamwebamwe bari batanguye neza muri ivyo, barirekeranye baranduzwa n’isi. Ntivyoroshe kurondera ubugororotsi, kubera dukikijwe n’abantu babona yuko ubushegabo, kubesha hamwe n’ibindi bicumuro ari ibintu bisanzwe. Yamara, icipfuzo gikomeye co guhimbara Yehova kirashobora kunesha impengamiro iyo ari yo yose yo kurondera kwemerwa n’isi mu kugerageza gucudika na yo. Ubuyuda bwaratakaje ugutoneshwa n’Imana kubera ukwigana amahanga mabanyi yabwo adahimbara Imana. Aho kwigana isi, nimuze rero ‘twigane Imana,’ mu gutsimbataza “wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.”—Abanyefeso 4:24; 5:1.
7 Iciyumviro kigira gatatu cashikirijwe muri Zefaniya 2:3, ni ic’uko nimba dushaka guhishwa ku musi w’uburake bwa Yehova, dutegerezwa ‘kurondera ukwicisha bugufi.’ Ku musi ku musi, twama turi kumwe n’abagabo, abagore, abakiri bato baticisha bugufi. Kuri bo gutekereza ni akanenge. Ukwiyorosha gufatwa nk’ukugoyagoya gukomeye. Baragorana, bakikunda, kandi bakaba ba mudakurwakwijambo, biyumvira yuko ivyo bafitiye “uburenganzira” n’ibibashimisha bategerezwa kubironka naho vyosaba iki. Ese ukuntu vyoba bibabaje igihe zimwezimwe muri izo nyifato zotwandukira! Iki ni igihe co ‘kurondera ukwicisha bugufi.’ Gute? Mu kwiyorosha ku Mana, tukemera gutozwa indero twicishije bugufi kandi tugahuza n’ukugomba kwayo.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Nahumu, ica Habakuki n’ica Zefaniya
1:8. Biboneka ko abantu bamwebamwe bo mu gihe ca Zefaniya bariko bararondera kwemerwa n’amahanga abakikuje mu “[kwambara] imyambaro y’inyamahanga”. Ese ukuntu vyoba ari ubupfu hamwe abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe bogerageza kwigana iyi si muri ubwo buryo!
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Hagayi n’ica Zekariya
2:9—Ni mu buryo butandukanye ubuhe ‘ubwiza bw’ingoro yo hanyuma bwobaye buruta ubw’iya mbere’? Ivyo vyigaragaje n’imiburiburi mu buryo butatu: imyaka urusengero rwamaze, uwarwigishirijemwo, be n’ukuntu abantu baje kurusengeramwo Yehova bangana. Naho urusengero rwiza igitangaza rwubatswe na Salomo rwamaze imyaka 420 rukoreshwa, ni ukuvuga kuva mu 1027 B.G.C. gushika mu 607 B.G.C., ‘ya ngoro yo hanyuma’ yoyo yamaze imyaka irenga 580 ikoreshwa, ni ukuvuga kuva aho irangiriye kwubakwa mu 515 B.G.C. gushika aho isanganguriwe mu 70 G.C. Vyongeye, Mesiya, ari we Yezu Kristu, ni we yigishirije muri iyo ‘ngoro yo hanyuma’ kandi ni yo yajemwo abantu benshi kuruta ‘iya mbere’, kugira ngo bayisengeremwo Imana.—Ibikorwa 2:1-11.
11-17 KIGARAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZEKARIYA 1-8
“Fata impuzu y’Umuyuda”
“Ubu muri igisata c’Imana”
14 Hari abahanuzi babiri ba kera bari baravuze yuko abantu benshi bosegenyutse kugira basenge Yehova bari kumwe n’igisata ciwe muri iki gihe c’iherezo. Yesaya yavuze ati: “Ibisata vy’abantu vyinshi bizogenda koko, bivuge biti: ‘Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova, ku nzu y’Imana ya Yakobo; izotwigisha inzira zayo, natwe tuzogendera mu minyuro yayo.’ Kuko i Siyoni hazova itegeko, n’i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova.” (Yes. 2:2, 3) Umuhanuzi Zekariya na we yavuze ati: “Ibisata vy’abantu vyinshi n’amahanga akomeye bizoza koko kurondera Yehova nyen’ingabo i Yeruzalemu no gutakambira Yehova.” Yavuze ko ivyo bisata ari “abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga” bofashe mu buryo bw’ikigereranyo impuzu y’Umwisirayeli wo mu buryo bw’impwemu, bakavuga bati: “Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.”— Zek. 8:20-23.
“Turajana”
4 Nimba tudashobora kumenya neza amazina y’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu bose bari kw’isi muri iki gihe, dushobora gute none ‘kujana’ na bo? Raba ivyo umuhanuzi Zekariya avuga ku bijanye n’abo bantu cumi b’ikigereranyo. Abo bantu “bazofata koko impuzu y’Umuyuda, bavuge bati: ‘Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.’” Naho ng’aho havugwa Umuyuda umwe gusa, imvugo ngo “namwe” yerekeza ku bantu barenga umwe. Uwo Muyuda wo mu buryo bw’impwemu rero ategerezwa kuba ari umugwi w’abantu aho kuba umuntu umwe gusa! Ku bw’ivyo, si ngombwa ngo tumenye Umuyuda uwo ari we wese wo mu buryo bw’impwemu maze ngo tubone kujana na we. Ahubwo, dukeneye kumenya ko bagize umugwi maze tubashigikire uko bari hamwe. Nta na hamwe Ivyanditswe bituremesha gukurikira umuntu. Yezu ni we Ndongozi yacu.—Mat. 23:10.
“Baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama”
14 Yezu Kristu abona ko igihe dushigikira tudahemuka abavukanyi biwe, tuba ari we dushigikiye. (Soma Matayo 25:40.) Ni mu buryo ki none abafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi bashobora gushigikira abavukanyi ba Kristu barobanujwe impwemu? Ahanini, ni mu kubasahiriza muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami. (Mat. 24:14; Yoh. 14:12) Mu gihe igitigiri c’abarobanuwe bakiri kw’isi cagiye kiragabanuka mu myaka mirongo iheze, igitigiri c’abo mu zindi ntama coco carongerekanye. Igihe abafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, bagasukura ari abamamaji b’igihe cose niba bishoboka, baba bariko barashigikira abakirisu barobanujwe impwemu mu kurangura igikorwa bajejwe co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Ntitwokwibagira kandi uturyo dufise two gushigikira ico gikorwa mu gutanga intererano z’amahera mu buryo butari bumwe.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ivyo Zekariya yeretswe bitwigisha iki?
18 Ariko rero, iryo yerekwa ryaribukije Abayuda ibanga bari bafise ryo kwirinda ikintu na kimwe cokwanduje ugusenga kwabo. Ububisha ntibushobora kwinjira no gushinga imizi mu basavyi ba Yehova, kandi ntibizokwigera biba. Kubera ko Yehova adukunda kandi yipfuza kudukingira, yaradushize mw’ishirahamwe ryiwe rityoroye. Dutegerezwa rero gukora ibishoboka vyose kugira rigume rityoroye. Ububisha ubwo bari bwo bwose nta kibanza bufise mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu.
Imikogote n’urugori bidukingira
7 Muri Bibiliya, imisozi irashobora kugereranya ubwami canke intwaro. Iyo misozi ivugwa mu gitabu ca Zekariya ni cokimwe n’imisozi ibiri ivugwa mu buhanuzi bwa Daniyeli. Umwe ugereranya ubusegaba bwa Yehova bw’ibihe bidahera. Uwundi ugereranya Ubwami burongowe na Mesiya ari we Yezu. (Dan. 2:35, 45) Kuva aho Yezu yimikiwe mu 1914, iyo misozi ibiri yaragize uruhara rudasanzwe mw’iranguka ry’umugambi Imana ifitiye isi.
8 Kubera iki iyo misozi ari iy’umujumpu? Nka kurya kw’inzahabu, umujumpu ni ubutare bw’agaciro kanini. Yehova yari yarategetse ko ubwo butare bukayangana bukoreshwa mu kwubaka itaberenakulo, mu nyuma na ho mu kwubaka urusengero rw’i Yeruzalemu. (Kuv. 27:1-3; 1 Abm. 7:13-16) Ukuba rero iyo misozi ibiri ari iy’umujumpu bitwibutsa ingene ubusegaba bwa Yehova be n’Ubwami burongowe na Mesiya ari bwiza cane. Buzotuma abantu bose bironkera ugutekana n’imihezagiro.
18-24 KIGARAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZEKARIYA 9-14
“Guma mu ‘mubande wo hagati y’imisozi’”
Guma mu mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we
10 Igihe uwo musozi w’ikigereranyo usaduka, igice kimwe kikaja mu buraruko ikindi na co mu bumanuko, ibirenge vya Yehova biguma kuri iyo misozi yompi. Munsi y’ibirenge vya Yehova haraba “umubande munini cane.” Uwo mubande ugereranya ugukingirwa n’Imana, ari na kwo gutuma abasavyi ba Yehova baronka umutekano bayobowe na we Segaba w’ibiriho vyose be n’Ubwami bw’Umwana wiwe Mesiya. Yehova azokwitwararika ivy’uko ugusenga gutyoroye kutigera kuzimanganywa. None ukwo gusaduka kw’uwo musozi w’ibiti vy’imyelayo kwabaye ryari? Kwabaye igihe Ubwami burongowe na Mesiya bwashingwa igihe Ibihe vy’Abanyamahanga vyarangira mu 1914. Abasavyi b’Imana b’ukuri batanguye guhungira muri uwo mubande w’ikigereranyo ryari?
Guma mu mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we
13 Nitwumira kuri Yehova kandi tukaguma dushikamye mu kuri, we hamwe n’Umwana wiwe Yezu Kristu bazorangura uruhara rwabo, kandi Imana ntizoreka ngo hagire umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe ‘kidushikura mu kuboko kwayo.’ (Yoh. 10:28, 29) Yehova ariteguriye kuturonsa imfashanyo yose dukeneye kugira ngo dushobore kumugamburukira nka we Segaba w’ibiriho vyose no kuguma turi abatwarwa b’intahemuka b’Ubwami burongowe na Mesiya. Dutegerezwa kuguma muri wa mubande ugereranya ugukingirwa, kuko uwo mubande uzorushiriza kugira ico usobanuye ku basavyi b’Imana b’ukuri mu gihe ca ya makuba akomeye ariko aregereza yihuta.
Guma mu mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we
15 Ku musi Imana izoba iriko irarwana, abatazoba bari muri wa “mubande munini” ugereranya ugukingirwa na yo bizobagendera gute? Ntibazokwakirwa n’“umuco w’agaciro” ugereranya ugutoneshwa n’Imana. Kuri uwo musi w’intambara uriko uraza, “ifarasi n’inyumpu n’ingamiya n’indogobwa y’ingabo n’ubwoko bwose bw’igitungwa,” ibigereranya ibirwanisho vy’amahanga, bizoshikirwa n’ingorane. Ivyo birwanisho “bizokanya bigumarare,” ni ukuvuga ko bitazokora, bimere nk’aho vyakongatajwe n’ubukanye. Yehova azokoresha kandi “ikiza.” Ico kiza, caba ari ikiza nya kiza canke atari ko biri, kizohagarika ibintu biteye ubwoba. Kuri uwo musi, ‘amaso y’umuntu n’ururimi rwiwe bizobora’ mu buryo bw’uko bene gutera bazokoresha ibirwanisho vyabo nk’impumyi, imvugo yabo y’akagagazo na yo inumishwe. (Zek. 14:6, 7, 12, 15.) Nta gace na kamwe ko kw’isi kazokira ako gatikizo. Ingabo zizoba ziri ku ruhande rwa Shetani muri iyo ntambara zizoba ari nyinshi cane. (Ivyah. 19:19-21) “Abishwe na Yehova kuri uwo musi bazohera koko ku mpera imwe y’isi bashike ku yindi.”—Yer. 25:32, 33.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Nta kirwanisho bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara
9 Ubuhanuzi bwa Zekariya burarasa umuco ku bijanye n’igituma amahanga arwanya abakirisu b’ukuri. Raba ivyo muri Zekariya 12:3 havuga mu kugira hati: “Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose”. Mbega ubwo buhanuzi bwerekeza kuri Yeruzalemu iyihe? Ubwo buhanuzi bwa Zekariya bwerekeye Yeruzalemu bwerekeza kuri “Yeruzalemu yo mw’ijuru”, ni ukuvuga Ubwami bwo mw’ijuru, ubwo abakirisu basizwe bahamagariwe (Abaheburayo 12:22). Umugwi mutoya w’amasigarira y’abo baragwa Ubwami burongowe na Mesiya baracari kw’isi. Bari kumwe na bagenzi babo, ni ukuvuga abagize “izindi ntama”, barahimiriza abantu guhindukirira Ubwami bw’Imana magingo bigishoboka (Yohani 10:16; Ivyahishuwe 11:15). None amahanga yakiriye gute ako kamo? Vyongeye, ni mu buryo ubuhe Yehova ashigikira abamusenga b’ukuri muri kino gihe? Nimuze turondere inyishu z’ivyo bibazo mu kubandanya turimbura insobanuro ya Zekariya ikigabane ca 12. Tubigenjeje gutyo, turashobora gushira amazinda ko ‘ata kirwanisho kizogira ico kimara’ mu kurwanya abasizwe b’Imana be na bagenzi babo biyeguye.
10 Muri Zekariya 12:3 herekana ko amahanga “[a]komereka bibi”. None ivyo biranguka gute? Imana yaravumereye yuko inkuru nziza y’Ubwami itegerezwa kwamamazwa. Ivyabona vya Yehova barafatana uburemere ibanga bashinzwe ryo kwamamaza. Ariko rero, ugutangaza ko Ubwami ari co cizigiro rudende umuryango w’abantu ufise, kwabereye amahanga “ibuye riremēra”. Ayo mahanga aragerageza gukura mu nzira iryo buye mu guteza ingorane abamamaza ubwo Bwami. Mu kubigenza gutyo, ayo mahanga arwanya ico gikorwa ‘yarakomeretse bimwe bibi’, agira inguma ahantu henshi. Mbere n’ukuntu yari asanzwe avugangwa kwaratosekaye kubera yuko yananiwe bimwe bimaramaje. Ntashobora kunumya abasenga b’ukuri, abaha agaciro ntangere agateka bafise ko kwamamaza “inkuru nziza y’ibihe bidahera” yerekeye Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya, ivyo bakabigira imbere y’uko iherezo ry’ivy’iyi si rishika (Ivyahishuwe 14:6). Igihe umurinzi umwe w’ibohero wo mu gihugu kimwe co muri Afirika yabona ubukazi bugirirwa abasavyi ba Yehova, yavuze atihenda ati: ‘Muriko murata umwanya wanyu mu guhama abo bantu. Ntibazokwigera badohoka. Ahubwo baguma bongerekana’.
Nta kirwanisho bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara
13 Soma muri Zekariya 12:7, 8. Muri Isirayeli ya kera, amahema yarakunda gukoreshwa cane mu gihugu, rimwe na rimwe akaba yakoreshwa n’abungere be n’abakozi bo mu mirima. Ihanga ry’abansi iyo riramuka riteye igisagara ca Yeruzalemu, mwene abo bantu ni bo bogiriwe nabi ubwa mbere, akaba ari co gituma bobaye bakeneye gukingirwa. Imvugo ngo “amahema y’Abayuda” yerekana ko muri kino gihe cacu amasigarira y’abasizwe ari nk’aho ari ku gahinga, atari mu bisagara vyubakiwe inzitiro. Bari aho ku gahinga, baraburanira inyungu z’Ubwami burongowe na Mesiya babigiranye uburindutsi. Yehova nyen’ingabo “azobanza gukiza amahema y’Abayuda” kubera yuko ibitero vya Shetani ari bo birondera.
25-31 KIGARAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MALAKI 1-4
“Umubano wawe woba uhimbara Yehova?”
jd 125-126 ing. 4-5
Nugire ico uterereye kugira ngo umubano wawe uhimbare Imana
4 Mu gihe ca Malaki, hakaba hari mu kinjana ca gatanu imbere ya Kristu, kwahukana vyari vyeze mu Bayuda. Malaki yababwiye ati: “Yehova ubwiwe yarashinze intahe hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe, uwo wahemukiye.” Kubera ko abagabo bahemukira abagore babo, igicaniro ca Yehova cari cuzuye amosozi, kidengereye “amarira be n’iminiho” vy’abagore baba bahemukiwe. Kandi kubera ko abaherezi bari barononekaye, bararenza uruho rw’amazi kuri ubwo buhemu.—Malaki 2:13, 14.
5 None Yehova yavuze iki kuri iyo nyifato igayitse y’abantu bo mu gihe ca Malaki ku bijanye n’umubano? Malaki yanditse ko ‘Yehova yanka ukwahukana.’ Yavuze kandi ko Yehova ‘atahindutse.’ (Malaki 2:16; 3:6) Woba ubona iciyumviro nyamukuru kiri muri iyo mirongo? Kuva kera Imana yari yarerekanye ko yanka ukwahukana. (Itanguriro 2:18, 24) No mu gihe ca Malaki kwari ukwo. Kandi n’ubu ni ko bikiri. Hari abantu barondera kwahukana kubera ko gusa bataciyumvamwo abo bubakanye. Naho umutima wabo ari umuhemu, Yehova arawusuzuma. (Yeremiya 17:9, 10) Ivyitwazo canke amayeri ayo ari yose umuntu yokoresha kugira yahukane, Yehova aba yabibonye nk’ejo. Ico twomenya co, “vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza.”—Abaheburayo 4:13.
Yehova Aranka Ingendo y’Ukuryarukana
19 Ikintu gishimishije ni uko Malaki yerekana yuko hari abanega bamwebamwe bataryaruka abakenyezi babo. ‘Impwemu yera y’Imana yari ikiri kuri bo.’ (Umurongo wa 15) Duhiriwe duhishije, ishirahamwe ry’Imana muri iki gihe ryuzuyemwo abagabo nk’abo ‘baha icubahiro abakenyezi babo.’ (1 Petero 3:7) Ntibacumukuza abakenyezi babo haba ku mubiri canke mu mvugo, kandi ntibabahatira ku kwisuka mu ngeso zo mu vy’ibitsina zitesha urupfasoni, eka ntibanakoza isoni abakenyezi babo mu gukwegana n’abandi bagore canke mu kuraba amasanamu yerekana ivy’ubushegabo. Ishirahamwe rya Yehova rirahezagiwe kandi mu kugira Abakirisu b’abakenyezi b’abizerwa badahemuka ku Mana no ku mategeko yayo. Abo bagabo n’abo bagore, bose barazi ico Imana yanka, kandi barabigaragaza mu vyiyumviro no mu bikorwa. Nubandanye kumera nka bo mu ‘kwumvira Imana bwa mutegetsi’ maze uhezagirwe mu kuronka impwemu yayo yera.—Ivyakozwe 5:29.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Malaki
1:10. Yehova ntiyanezererwa amashikanwa yatangwa n’abo baherezi b’abanyamwina, abasaba amahera no ku dukorwa dusanzwe nko kwugara inzugi canke kwatsa umuriro ku gicaniro. Ese ukuntu bihambaye ko ibikorwa dukora bijanye n’ugusenga, harimwo n’ivyo dukora mu busuku bwa gikirisu, tubikora tubitumwe n’urukundo ruzira ubwikunzi dukunda Imana na bagenzi bacu, ntitwigere tubitumwa n’ukurondera inyungu zijanye n’amahera!—Matayo 22:37-39; 2 Abakorinto 11:7.
“Ehe ndi kumwe namwe imisi yose”
5 Hagisigaye imyaka amajana ngo Yezu atange ico kigereranyo c’ingano n’icatsi kibi, Yehova yarahumekeye umuhanuzi wiwe Malaki kumenyesha ibintu bivugwa muri ico kigereranyo ca Yezu. (Soma Malaki 3:1-4.) Yohani Umubatizi yari iyo ‘ntumwa yatunganije inzira.’ (Mat. 11:10, 11) Igihe yaza mu 29 G.C., igihe co gucira urubanza ihanga rya Isirayeli cari cegereje. Yezu yari ya ntumwa igira kabiri. Yatyoroye urusengero rw’i Yeruzalemu incuro zibiri, ubwa mbere agitangura ubusuku bwiwe, ubugira kabiri na ho abigira buri mu kurangira. (Mat. 21:12, 13; Yoh. 2:14-17) Ku bw’ivyo, igikorwa ca Yezu co gutyorora camaze igihe kinaka.
6 Ubuhanuzi bwa Malaki bwarangutse gute mu buryo bwagutse kuruta? Mu myaka mirongo yashikanye ku mwaka wa 1914, C. T. Russell n’abo bari bafatanije barakoze igikorwa kimeze nk’ica Yohani Umubatizi. Ico gikorwa gihambaye cari ico gusubizaho ukuri kwo muri Bibiliya. Abatohoji ba Bibiliya barigishije ico inkuka y’incungu ya Kristu isobanura vy’ukuri, barashira ahabona ya nyigisho y’ikinyoma yerekeye umuriro udahera bongera baratangaza ko ibihe vy’Abanyamahanga vyari mu kurangira. Naho vyari ukwo, hariho amadini menshi yavuga ko ayobokera Kristu. Iki kibazo gihambaye cari gikeneye rero kwishurwa: Ni bande muri ayo madini bari ingano? Kugira ngo ico kibazo gitorerwe umuti, Yezu yaratanguye gusuzuma urusengero rwo mu buryo bw’impwemu mu 1914. Ico gikorwa co gusuzuma no gutyorora camaze igihe, ni ukuvuga kuva mu 1914 gushika mu gice ca mbere c’umwaka wa 1919.