ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/7 rup. 9-14
  • “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEZU ARABAKINGIRA
  • INTUMWA ‘ITUNGANYA INZIRA’
  • IMYAKA Y’ISUZUMA N’ITYORORA
  • NI IBIKI BIBA IGIHE C’IYIMBURA KIMAZE GUTANGURA?
  • INGENE TUVYUNGUKIRAKO
  • “Abagororotsi bazokayangana nk’izuba”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ikigereranyo c’ingano n’icatsi kibi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • “Ubwami bwawe nibuze”
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Idini imwe y’ukuri y’abakirisu si umugani
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/7 rup. 9-14

“Ehe ndi kumwe namwe imisi yose”

“Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.”—MAT. 28:20.

RONDERA INYISHU Z’IBI BIBAZO:

  • Ni kubera iki dushobora gushika ku ciyumviro c’uko kuva mu kinjana ca mbere G.C. gushika muri iki gihe, kw’isi hamye hari abakirisu barobanuwe?

  • Kuva mu 1914, ni igikorwa co gusuzuma ikihe Yezu yakoze?

  • Ni ibintu ibihe bivugwa muri ca kigereranyo ca Yezu c’ingano n’icatsi kibi bizoba muri kazoza?

1. (a) Vuga muri make ca kigereranyo c’ingano n’icatsi kibi. (b) Yezu yagisiguye gute?

KIMWE mu bigereranyo vya Yezu vyerekeye Ubwami kiravuga ibijanye n’umurimyi abiba imbuto nziza z’ingano be n’umwansi abiba icatsi kibi muri izo mbuto nziza. Ico catsi kiraba cinshi cane muri izo ngano, mugabo uwo murimyi agategeka abashumba biwe ‘kureka vyompi bigakurana kugeza mw’iyimbura.’ Mu gihe c’iyimbura, ico catsi kibi kiraturirwa, ingano na zo zikegeranywa. Yezu ubwiwe yarasiguye ico kigereranyo. (Soma Matayo 13:24-30, 37-43.) None uwo mugani uhishura iki? (Raba igicapo “Ingano n’icatsi kibi.”)

2. (a) Ibintu biba mu murima w’uwo murimyi vyerekana iki? (b) Ni igice c’uwo mugani ikihe twihweza?

2 Ibintu biba mu murima w’uwo murimyi birerekana ukuntu be n’igihe Yezu yokwegeranije mu bantu abagize umugwi w’ingano bose, ni ukuvuga abakirisu barobanuwe bazofadikanya na we kuganza mu Bwami bwiwe. Ukwo kubiba kwatanguye kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. Ukwo kwegeranya kuzorangira abarobanuwe bazoba bakiriho kw’iherezo ry’ivy’iyi si nibadomwako ikidodo ubwa nyuma maze bakajanwa mw’ijuru. (Mat. 24:31; Ivyah. 7:1-4) Nka kurya nyene umuntu ahagaze kw’isonga ry’umusozi abona neza ibintu vyose biri irya n’ino yawo, ni ko n’uwo mugani utuma tubona neza ibintu vyobaye mu kiringo c’imyaka nka 2.000. Ni ibintu ibihe bijanye n’Ubwami dutahura turi ahantu hakirurutse mu buryo bw’ikigereranyo? Uwo mugani uravuga ibijanye n’igihe c’ibiba, ikura n’iyimbura. Iki kiganiro cibanda ku gihe c’iyimbura.a

YEZU ARABAKINGIRA

3. (a) Ni ibiki vyabaye inyuma y’ikinjana ca mbere? (b) Nk’uko bivugwa muri Matayo 13:28, ni ikibazo ikihe cabajijwe, kandi cabajijwe na bande? (Raba kandi akajambo ko ku mpera.)

3 Mu ntango z’ikinjana ca kabiri G.C., ‘ca catsi kibi caraserutse’ igihe abiyita abakirisu bibonekeza mu murima ugereranya isi. (Mat. 13:26) Mu kinjana ca kane, igitigiri c’abakirisu bameze nk’icatsi kibi cararuse cane ic’abakirisu barobanuwe. Uribuka ko muri uwo mugani, abashumba basavye shebuja wabo uruhusha rwo kurandura ico catsi kibi.b (Mat. 13:28) None shebuja yavyakiriye gute?

4. (a) Inyishu Shebuja, ari we Yezu, yatanze ihishura iki? (b) Abakirisu bameze nk’ingano bibonekeje ryari?

4 Mu kuvuga ibijanye n’ingano be n’icatsi kibi, Yezu yagize ati: “Reka vyompi bikurane kugeza mw’iyimbura.” Iryo tegeko rirahishura ko kuva mu kinjana ca mbere gushika muri iki gihe, kw’isi hamye hariho abakirisu barobanuwe bameze nk’ingano. Ico ciyumviro kirashigikirwa n’ivyo Yezu yabwiye abigishwa biwe mu nyuma ati: “Ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:20) Abakirisu barobanuwe bokwamye rero bakingirwa na Yezu gushika mu gihe c’iherezo. Ariko rero, kubera ko bapfukiranijwe n’abakirisu bameze nk’icatsi kibi, ntituzi neza abari bagize uwo mugwi w’ingano muri ico kiringo kirekire. Ariko rero, hagisigaye imyaka nka mirongo ngo igihe c’iyimbura gitangure, abagize umugwi w’ingano baribonekeje. Ivyo vyagenze gute?

INTUMWA ‘ITUNGANYA INZIRA’

5. Ubuhanuzi bwa Malaki bwarangutse gute mu kinjana ca mbere?

5 Hagisigaye imyaka amajana ngo Yezu atange ico kigereranyo c’ingano n’icatsi kibi, Yehova yarahumekeye umuhanuzi wiwe Malaki kumenyesha ibintu bivugwa muri ico kigereranyo ca Yezu. (Soma Malaki 3:1-4.) Yohani Umubatizi yari iyo ‘ntumwa yatunganije inzira.’ (Mat. 11:10, 11) Igihe yaza mu 29 G.C., igihe co gucira urubanza ihanga rya Isirayeli cari cegereje. Yezu yari ya ntumwa igira kabiri. Yatyoroye urusengero rw’i Yeruzalemu incuro zibiri, ubwa mbere agitangura ubusuku bwiwe, ubugira kabiri na ho abigira buri mu kurangira. (Mat. 21:12, 13; Yoh. 2:14-17) Ku bw’ivyo, igikorwa ca Yezu co gutyorora camaze igihe kinaka.

6. (a) Ubuhanuzi bwa Malaki bwarangutse gute mu buryo bwagutse kuruta? (b) Yezu yasuzumye urusengero rwo mu buryo bw’impwemu mu kiringo ikihe? (Raba kandi akajambo ko ku mpera.)

6 Ubuhanuzi bwa Malaki bwarangutse gute mu buryo bwagutse kuruta? Mu myaka mirongo yashikanye ku mwaka wa 1914, C. T. Russell n’abo bari bafatanije barakoze igikorwa kimeze nk’ica Yohani Umubatizi. Ico gikorwa gihambaye cari ico gusubizaho ukuri kwo muri Bibiliya. Abatohoji ba Bibiliya barigishije ico inkuka y’incungu ya Kristu isobanura vy’ukuri, barashira ahabona ya nyigisho y’ikinyoma yerekeye umuriro udahera bongera baratangaza ko ibihe vy’Abanyamahanga vyari mu kurangira. Naho vyari ukwo, hariho amadini menshi yavuga ko ayobokera Kristu. Iki kibazo gihambaye cari gikeneye rero kwishurwa: Ni bande muri ayo madini bari ingano? Kugira ngo ico kibazo gitorerwe umuti, Yezu yaratanguye gusuzuma urusengero rwo mu buryo bw’impwemu mu 1914. Ico gikorwa co gusuzuma no gutyorora camaze igihe, ni ukuvuga kuva mu 1914 gushika mu gice ca mbere c’umwaka wa 1919.c

IMYAKA Y’ISUZUMA N’ITYORORA

7. Igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe co gusuzuma mu 1914, yabonye iki?

7 Igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe co gusuzuma, yabonye iki? Umugwi mutoyi w’Abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete wari umaze imyaka irenga 30 ukoresha inguvu zawo n’uburyo bwawo mu kugira isekeza rikomeye ryo kwamamaza.d Ese ukuntu Yezu n’abamarayika bategerezwa kuba barahimbawe no kubona ko izo ngano zari ku rushi mugabo zishikamye zitari zaranyoshwe n’icatsi kibi ca Shetani! Naho vyari ukwo, vyarabaye ngombwa ‘gusukura bene Lewi,’ ni ukuvuga abarobanuwe. (Mal. 3:2, 3; 1 Pet. 4:17) Uti kubera iki?

8. Ni ibiki vyabaye inyuma ya 1914?

8 Mu mpera z’umwaka wa 1914, Abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe baravunitse umutima kubera ko batari bagiye mw’ijuru. Mu 1915 no mu 1916, ukurwanywa kuvuye inyuma y’ishirahamwe kwatumye igikorwa co kwamamaza gicumbagira. N’icavyunyuye, umuvukanyi Russell amaze gupfa muri Gitugutu 1916, haradutse ukurwanywa mw’ishirahamwe. Bane mu bayobozi indwi b’ishirahamwe (Watch Tower Bible and Tract Society) bariyamirije ingingo yari yafashwe y’uko umuvukanyi Rutherford ahagarikira ishirahamwe. Baragerageje gutuma abavukanyi bicamwo ibice, mugabo muri Myandagaro 1917, baravuye muri Beteli, iryo rikaba ryari ityororwa vy’ukuri! Vyongeye, Abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe baraguye mu mutego wo gutinya abantu. Naho vyari ukwo, uko bagize umugwi baremeye ko Yezu abatyorora maze barahindura ivyari bikenewe. Ni co gituma Yezu yabonye ko bari ingano zigereranya abakirisu b’ukuri, mugabo aramirira kure abiyita abakirisu bose. (Mal. 3:5; 2 Tim. 2:19) None vyaciye bigenda gute? Kugira ngo tubimenye, nimuze twongere dusuzume wa mugani w’ingano n’icatsi kibi.

NI IBIKI BIBA IGIHE C’IYIMBURA KIMAZE GUTANGURA?

9, 10. (a) Tugira turimbure iki ku bijanye n’igihe c’iyimbura? (b) Ni igiki cabanje kuba muri ico gihe c’iyimbura?

9 Yezu yavuze ati: “Iyimbura ni insozero y’ivy’isi.” (Mat. 13:39) Ico gihe c’iyimbura catanguye mu 1914. Tugira turimbure ibintu bitanu Yezu yavuze ko vyobaye ico gihe.

10 Ica mbere, ni ukwegeranya icatsi kibi. Yezu avuga ati: “Mu gihe c’iyimbura nzobwira abashwabuzi nti: Banza mwegeranye icatsi kibi, mugitekere mu mikama.” Inyuma ya 1914, abamarayika baratanguye ‘kwegeranya’ abakirisu bameze nk’icatsi kibi mu kubatandukanya n’“abana b’ubwami” barobanuwe.—Mat. 13:30, 38, 41.

11. Gushika uno musi, ni igiki gitandukanya abakirisu b’ukuri n’abiyita abakirisu?

11 Uko ico gikorwa co kwegeranya catera imbere, ni ko itandukaniro ryari hagati y’iyo migwi ibiri ryarushiriza kwibonekeza. (Ivyah. 18:1, 4) Mu 1919, vyaragaragaye ko Babiloni Akomeye yari yatemvye. Ni igiki canecane catandukanya abakirisu b’ukuri n’abiyita abakirisu? Ni igikorwa co kwamamaza. Abaja imbere abandi mu Batohoji ba Bibiliya baratanguye gushimika ku gituma bihambaye ko umwe wese ku giti ciwe agira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Nk’akarorero, agatabu Ni nde yajejwe igikorwa, akasohowe mu 1919 (mu congereza), karahimirije abakirisu barobanuwe bose kwamamaza inzu ku nzu. Kagira gati: “Naho ico gikorwa kiboneka ko ari amahero, ni ic’Umukama, kandi tuzokirangura biciye ku nkomezi ziwe. Murafise agateka ko kukigiramwo uruhara.” None bavyakiriye gute? Umunara w’Inderetsi wo mu 1922 wavuze ko kuva ico gihe Abatohoji ba Bibiliya bongereje igikorwa cabo co kwamamaza. Kwamamaza inzu ku nzu ntivyatevye kuba ikintu kiranga bo bakirisu b’abizigirwa, nk’uko biri gushika uno musi.

12. Abagize umugwi w’ingano begeranijwe gute kandi ryari?

12 Ica kabiri, ni ukwegeranya ingano. Yezu ategeka abamarayika biwe ati: “Mugende mwegeranirize ingano mu kigega canje.” (Mat. 13:30) Kuva mu 1919, abarobanuwe baregeranirijwe mw’ishengero rya gikirisu ryasubijwe umutamana. Ku bakirisu barobanuwe bazoba bakiriho kw’iherezo ry’ivy’iyi si, ukwegeranywa kwa nyuma kuzoba igihe bazoba baronse impembo yabo yo mw’ijuru.—Dan. 7:18, 22, 27.

13. Mu Vyahishuwe 18:7 hahishura iki ku bijanye n’inyifato wa mumaraya ari we Babiloni Akomeye afise muri iki gihe, harimwo n’idini ry’abiyita abakirisu?

13 Ica gatatu, ni ukurira n’uguhekenya amenyo. Abamarayika bamaze kuboha ca catsi kibi, haca haba iki? Mu kuvuga ukuntu ivy’abagize umugwi w’icatsi kibi bizoba vyifashe, Yezu agira ati: “Aho ni ho hazoba ukurira kwabo n’uguhekenya amenyo.” (Mat. 13:42) Ivyo vyoba biriko birashika muri iki gihe? Oya. Muri kino gihe, idini ry’abiyita abakirisu, rikaba riri mu bigize wa mumaraya, riracavuga ku biryerekeye riti: “Nicaye nk’umwamikazi, kandi sindi umupfakazi, kandi sinzokwigera mbona ikigandaro.” (Ivyah. 18:7) Egome, idini ry’abiyita abakirisu ribona ko ari agakomeye, mbere rikavuga yuko ‘ryicaye nk’umwamikazi’ hejuru y’umugwi w’indongozi mu vya politike. Muri iki gihe, abagereranywa n’icatsi kibi bariko bariyemera, ntibariko bararira. Mugabo ivyo bigiye guhinduka.

Ukwifatanya kw’abiyita abakirisu n’indongozi mu vya politike kugiye kurangira(Raba ingingo ya 13)

14. (a) Abiyita abakirisu ‘bazohekenya amenyo’ ryari kandi kubera iki? (b) Kuba ukuntu twahora dutahura Matayo 13:42 kwagize ico guhinduweko bihuye gute n’iciyumviro giserurwa muri Zaburi 112:10? (Raba akajambo ko ku mpera.)

14 Mu gihe ca ya makuba akomeye, amadini y’ikinyoma yose amaze gutikizwa, abahora bayayobokera bazokwiruka kurondera ibibapfuka mugabo ntibazoronka ahantu hatagira inkomanzi binyegeza. (Luka 23:30; Ivyah. 6:15-17) Hanyuma, bamaze kubona ko ata ho bashobora guhungira ukwo gutikizwa, bazorira bihebuye bongere ‘bahekenye amenyo’ bashangashiwe. Nk’uko Yezu abivuga mu buhanuzi bwiwe bwerekeye ya makuba akomeye, muri ico gihe kigoye “[ba]zokwikubitagura ku gikiriza [ba]boroga.”e—Mat. 24:30; Ivyah. 1:7.

15. Ni igiki kizoshikira icatsi kibi, kandi kizoshika ryari?

15 Ica kane, ni ugutererwa mw’itanure. Ni igiki kizoshikira ya mikama y’icatsi kibi? Abamarayika “[bazoyiterera] mw’itanure ry’umuriro.” (Mat. 13:42) Ivyo bisobanura ugutikizwa buhere. Ku bw’ivyo, bamwe bahora bayobokera amashirahamwe y’amadini y’ikinyoma bazotikizwa mu kiringo ca nyuma ca ya makuba akomeye, ni ukuvuga kuri Harumagedoni.—Mal. 4:1.

16, 17. (a) Ni ikintu ca nyuma ikihe kizoba Yezu avuga muri ca kigereranyo ciwe? (b) Ni kubera iki dushika ku ciyumviro c’uko ico kintu kizoranguka muri kazoza?

16 Ica gatanu, ni ugukayangana. Yezu asozera ubwo buhanuzi bwiwe ati: “Ico gihe abagororotsi bazokayangana nk’izuba mu bwami bwa Se.” (Mat. 13:43) Ivyo bizoba ryari kandi bizobera he? Ayo majambo azoranguka muri kazoza. Yezu ntiyavuze ikintu kiriko kiraba kw’isi muri iki gihe, ahubwo yavuze ikintu co muri kazoza kizoba mw’ijuru. Rimbura imvo zibiri zituma dushika kuri ico ciyumviro.f

17 Iya mbere ni kirya kibazo kijanye no kumenya igihe bizobera. Yezu yavuze ati: “Ico gihe abagororotsi bazokayangana.” Amajambo “ico gihe” biboneka ko yerekeza ku kintu Yezu yari ahejeje kuvuga, ico na co kikaba ari ‘uguterera icatsi kibi mw’itanure ry’umuriro.’ Ico kintu kizoba mu kiringo ca nyuma ca ya makuba akomeye. Ku bw’ivyo, ‘ugukayangana’ kw’abarobanuwe na kwo nyene gutegerezwa gushika muri ico gihe co muri kazoza. Iya kabiri, ni kirya kibazo kijanye no kumenya aho bizobera. Yezu yavuze ko abagororotsi ‘bazokayangana mu bwami.’ Ivyo none bisobanura iki? Abarobanuwe bose b’abizigirwa bazoba bakiri kw’isi ikiringo ca mbere ca ya makuba akomeye kimaze kurangira, bazoba bamaze kudomwako ikidodo ubwa nyuma. Nk’uko vyerekanwa muri bwa buhanuzi bwa Yezu bwerekeye amakuba akomeye, bazoca bakoranirizwa mw’ijuru. (Mat. 24:31) Ng’aho bazokayangana “mu bwami bwa Se,” kandi inyuma gato y’intambara ya Harumagedoni, bazoja mu “bugeni bwa wa Mwagazi w’intama” bagize umugeni wa Yezu ahimbawe.—Ivyah. 19:6-9.

INGENE TUVYUNGUKIRAKO

18, 19. Umwe wese muri twebwe yungukira mu buryo butandukanye ubuhe ku gutahura wa mugani wa Yezu w’ingano n’icatsi kibi?

18 Umwe wese muri twebwe yungukira gute ku kuntu uwo mugani udufasha gutahura ibintu mu buryo bwagutse? Rimbura uburyo butatu. Ubwa mbere, uratuma turushiriza kugira ugutahura kwimbitse. Uwo mugani urahishura imvo ihambaye ituma Yehova areka ubukozi bw’ikibi bukabandanya. “Yarihanganiye. . . ivyombo vy’uburake” kugira ngo ategure “ivyombo vy’imbabazi,” ivyo na vyo bikaba ari abagize umugwi w’ingano.g (Rom. 9:22-24) Ubwa kabiri, urakomeza ukwizigira kwacu. Uko iherezo ryegereza, ni ko abansi bacu bazorushiriza kuturwanya, “mugabo ntibazo[t]unesha.” (Soma Yeremiya 1:19.) Nk’uko nyene Yehova amaze igihe kirekire akingira abagize umugwi w’ingano, ni na ko uwo Data wa twese wo mw’ijuru abicishije kuri Yezu n’abamarayika azoba kumwe natwe “imisi yose” iri imbere.—Mat. 28:20.

19 Ubwa gatatu, uwo mugani uradufasha kumenya abagize umugwi w’ingano. Ni kubera iki ivyo bihambaye cane? Kumenya abakirisu bameze nk’ingano abo ari bo ni ntahara kugira ngo turonke inyishu y’ikibazo cabajijwe na Yezu muri bwa buhanuzi bwiwe bugizwe n’ibintu vyinshi bwerekeye imisi ya nyuma. Yabajije ati: “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?” (Mat. 24:45) Ibiganiro bibiri bikurikira bizokwishura ico kibazo mu buryo bushimishije.

a Ingingo ya 2: Kugira ngo wiyibutse insobanuro y’ibindi bice vy’uwo mugani, tukuremesheje gusoma ikiganiro kivuga ngo “Abagororotsi bazokayangana nk’izuba” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2010.

b Ingingo ya 3: Kubera ko intumwa za Yezu zari zarapfuye, abarobanuwe bari basigaye kw’isi na bo bakaba batagereranijwe n’abashumba, mugabo bakagereranywa n’ingano, abo bashumba bagereranya abamarayika. Ico kigereranyo kiri mu kurangira, abashwabura ico catsi kibi bavugwa ko ari abamarayika.​—⁠Mat. 13:​39.

c Ingingo ya 6: Iri ni ihinduka ribaye mu bijanye n’ukuntu twahora dutahura ibintu. Imbere y’aha twiyumvira ko igikorwa ca Yezu co gusuzuma cabaye mu 1918.

d Ingingo ya 7: Kuva mu 1910 gushika mu 1914, Abatohoji ba Bibiliya batanze ibitabu nka 4.000.000 hamwe n’udupapuro tw’inkuru nziza be n’udutabu birenga 200.000.000.

e Ingingo ya 14: Iri ni ihinduka ribaye ku bijanye n’ukuntu twahora dutahura Matayo 13:​42. Imbere y’aha, ibisohokayandikiro vyacu vyavuga ko abiyita abakirisu bari bamaze imyaka mirongo ‘barira bongera bahekenya amenyo,’ baborogeshwa n’uko “abana b’ubwami” baberekana uko bari, mu kuvuga ko ari “abana ba wa mubisha.” (Mat. 13:​38) Ariko rero, dukwiye kumenya ko iciyumviro co guhekenya amenyo gifitaniye isano n’ugutikizwa.​—⁠Zab. 112:​10.

f Ingingo ya 16: Muri Daniyeli 12:​3 havuga ko “abafise ugutahura kwimbitse [abakirisu barobanuwe] bazokayangana nk’ukwakaka kw’ikirere.” Igihe bakiri kw’isi, bakayangana mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Ariko rero, muri Matayo 13:​43 herekeza ku gihe bazokayangana mu Bwami bwo mw’ijuru. Imbere y’aha twiyumvira yuko ivyo vyanditswe vyompi vyerekeza ku gikorwa kimwe, ni ukuvuga igikorwa co kwamamaza.

g Ingingo ya 18: Raba igitabu Niwiyegereze Yehova, urupapuro rwa 288-​289.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika