ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr18 Ruheshi rup. 1-7
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2018
  • Udutwe
  • 4-10 RUHESHI
  • 11-17 RUHESHI
  • 18-24 RUHESHI
  • 25 RUHESHI–1 MUKAKARO
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2018
mwbr18 Ruheshi rup. 1-7

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

4-10 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MARIKO 15-16

“Yezu yarashikije ubuhanuzi”

nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 15:24, 29

bagabura impuzu ziwe zo hejuru: Inkuru ivugwa muri Yoh 19:23, 24 irongerako amakuru atavugwa na Matayo, Mariko na Luka: Biboneka ko abasoda b’Abaroma bapfindiye impuzu zo hejuru be n’impuzu y’imbere; impuzu zo hejuru bazitabuyemwo “imigabane ine, umugabane ku musoda wese”; ariko kubera ko batashaka gutabura impuzu y’imbere, baciye bayipfindira; ukwo gupfindira impuzu za Mesiya vyaranguye ivyari vyaravuzwe muri Zb 22:18. Biboneka ko vyari bimenyerewe ko abari bajejwe kwica inkozi z’ikibi ari bo baca batwara impuzu zabo. Imbere yo kwica inkozi z’ikibi rero babanza kuzambura impuzu no kuzaka ivyo zaba zifise, bigatuma noneho zirushiriza kumaramara.

bazunza umutwe: Muri rusangi, igihe umuntu yaba azungije umutwe agashirako n’amajambo, vyagaragaza agasuzuguro, akagaye, canke agacokoro. Abahita rero barashikije ubuhanuzi buri muri Zb 22:7 batanabizi.

nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 15:43

Yozefu: Ubudasa bw’abanditse Injili buragaragarira ku makuru batanga yerekeye Yozefu. Matayo wa mutozakori avuga ko Yozefu yari “umugabo w’umutunzi”; Mariko na we, ahanini akaba yandikiye Abaroma, avuga ko Yozefu yari “umwubahwa wo mu Nama Nkuru” yari arindiriye Ubwami bw’Imana; Luka, wa muganga w’umunyempuhwe, avuga ko Yozefu yari “umuntu mwiza kandi w’umugororotsi” atatoye umugambi wo kwica Yezu igihe Inama Nkuru yari ikoranye; Yohani wenyene ni we avuga ko Yozefu yari “umwigishwa . . . wo mu mpisho kubera yatinya Abayuda.”​—Mt 27:57-60; Mr 15:43-46; Lk 23:50-53; Yoh 19:38-42.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 15:25

isaha igira gatatu: Ni ukuvuga, isaha zitatu zo mu gitondo. Hari aberekana ko iyo saha idahuye n’iyivugwa muri Yoh 19:14-16, ahavuga ko igihe Pilato yatanga Yezu ngo amanikwe “hari nko kw’isaha ya gatandatu.” Naho Ivyanditswe bidasigura neza iryo tandukaniro, raba ibintu vyodufasha kubitahura: Muri rusangi, abanditsi b’Injili bose barahuza igihe bavuga umwanya ibintu vyabereyeko ku musi wa nyuma Yezu yamaze kw’isi. Injili zose uko ari zine zivuga ko abaherezi n’abagabo b’inararibonye bagize inama bumaze guca maze bajana Yezu kwa buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato. (Mt 27:1, 2; Mr 15:1; Lk 22:66–23:1; Yoh 18:28) Matayo, Mariko, na Luka bose bavuga ko igihe Yezu yari amaze kumanikwa, umwiza waciye utwikira igihugu cose kuva kw’“isaha ya gatandatu . . . gushika kw’isaha y’icenda.” (Mt 27:45, 46; Mr 15:33, 34; Lk 23:44) Ikintu gishobora kuba catumye haba ubudasa kw’isaha Yezu yapfiriyeko ni iki: Igihe umuntu yaba atanguye gushishagurwa canke gukubitwa, hari abafata ko yaba atanguye kwicwa. Vyarashika umuntu agashishagurwa bimwe bikomeye ku buryo aca apfa. Ku bijanye na Yezu, yarashishaguwe cane ku buryo vyabaye ngombwa ko uwundi muntu amwikorerera igiti ciwe co kubabarizwako kuko atari akigishoboye. (Lk 23:26; Yoh 19:17) Ntibitangaje rero kubona Mt 27:26 na Mr 15:15 hafatanya ivyo gushishagura Yezu (kumukubita) no kumumanika ku giti. Nimba gushishagura umuntu vyafatwa nk’intango yo kumwica, hategerezwa kuba haraciye umwanya imbere yuko Yezu amanikwa ku giti. Birumvikana rero ko abantu bari gushobora kuvuga amasaha atandukanye ku bijanye n’urupfu rwiwe bivanye n’ico umwe wese yafatiyeko. Ivyo biradufasha gutahura igituma Pilato yatangaye yumvise ko Yezu yaciye acikana akimara kumanikwa ku giti. Bishoboka ko Pilato wewe yafata ko ari ho yari agitangura kwicwa. (Mr 15:44) Vyongeye, abanditsi ba Bibiliya akenshi bisunga ingene ico gihe umurango wagaburwa mu bice bine vy’amasaha atatatatu, nk’uko vyari biri no kw’ijoro. Ivyo birasigura igituma akenshi Ivyanditswe bikoresha imvugo ngo kw’isaha ya gatatu, iya gatandatu, be n’iy’icenda, akaba yaharurwa bafatiye nko kw’isaha 12 z’igitondo izuba riserutse. (Mt 20:1-5; Yoh 4:6; Ivk 2:15; 3:1; 10:3, 9, 30) Bisubiye, ico gihe nta masaha yariho yo kurabirako umwanya kanuni, akaba ari co gituma mu kuvuga amasaha yo ku murango abantu bakunda gukoresha imvugo ngo “nko” kw’isaha ya . . . , nk’uko tubibona muri Yoh 19:14. (Mt 27:46; Lk 23:44; Yoh 4:6; Ivk 10:3, 9) Muri make rero: Mariko ashobora kuba yafatiye hamwe ugushishagurwa kwa Yezu n’ukumanikwa kwiwe, Yohani na we afatira gusa ku kumanikwa. Isaha abo banditsi bompi bavuze si isaha kanuni ahubwo ni isaha yegereje canke irenga gato kw’isaha kanuni, akaba ari co gituma Yohani yakoresheje akajambo “nko” mu kuvuga isaha Yezu yapfiriyeko. Ivyo bintu vyose birashobora gutuma dutahura igituma amasaha bavuze atandukanye. Ubwa nyuma, Yohani yanditse Injili yiwe haciye imyaka mirongo iya Mariko yanditswe. Kubona rero Yohani yavuze isaha itandukanye n’iyo Mariko yavuze, birerekana ko atakoporoye ivyo Mariko yari yaranditse.

nwtsty amakuru adufasha kwiga Mr 16:8

kuko bari bagize ubwoba: Ivyandikano vy’iminwe vya kera cane dusangako igice ca nyuma c’Injili ya Mariko, vyerekana ko iyo Njili irangizwa n’amajambo dusanga ku murongo wa 8. Hari abavuga ko ukwo kuntu irangira umenga iracitse, bakabona ko mu ntango atari ko yasozera. Ariko rero uravye ingene Mariko yagiye arandika mu buryo buvunaguye, ivyo abo bantu bavuga bisa n’ibidafashe. Vyongeye, umuhinga wo mu kinjana ca kane yitwa Jérôme be n’uwitwa Eusèbe bavuga ko igisomwa nyakuri c’iyo Njili gisozerwa n’amajambo avuga ngo “kuko bari bagize ubwoba.”

Hari ivyandikano vy’ikigiriki be na Bibiliya zimwezimwe vyongerako insozero ndende canke ngufi inyuma y’umurongo wa 8. Ivyo dusangamwo insozero ndende (iyigizwe n’imirongo 12) ni: Codex Alexandrinus, Codex Ephraemi Syri rescriptus, na Codex Bezae Cantabrigiensis, vyose bikaba ari ivyo mu kinjana ca gatanu inyuma ya Kristu. Turayisanga no muri Bibiliya y’ikilatini yitwa Vulgate, mu candikano c’igisiriyake citiriwe Cureton, no muri Bibiliya y’igisiriyake yitwa Peshitta. Ariko iyo nsozero ntituyisanga mu vyandikano bibiri vya mbere vyo mu kigiriki vyo mu kinjana ca kane ari vyo Codex Sinaiticus na Codex Vaticanus, canke muri Codex Sinaiticus Syriacus yo mu kinjana ca kane canke ca gatanu, canke mu candikano ca mbere na mbere c’Injili ya Mariko co mu rurimi rwitwa copte sahidique co mu kinjana ca gatanu. Ivyandikano vya kera cane vy’Injili ya Mariko mu kinyarumeniya no mu kijeworojiya na vyo nyene bisozerera ku murongo wa 8.

Ivyandikano bimwebimwe vy’ikigiriki vyanditswe mu nyuma be na Bibiliya zimwezimwe, usanga bifise insozero ngufi (igizwe n’amungane makeyi gusa). Codex Regius yo mu kinjana c’umunani inyuma ya Kristu irimwo insozero ndende na ngufi, mugabo hatangura ngufi. Buri nsozero itangurwa n’intangamarara ivuga ko yemerwa n’abahinga bamwebamwe, mugabo biboneka ko iyo Codex Regius ata n’imwe muri izo nsozero yemera ko ari iy’ukuri.

INSOZERO NGUFI

Insozero ngufi iza inyuma ya Mr 16:8 ntiri mu Vyanditswe vyahumetswe. Igira iti:

Mugabo ibintu vyose vyari vyarategetswe bavyiganira muri make abari bakikuje Petero. Bitayeko, inyuma y’ivyo Yezu ubwiwe abicishije kuri bo, arungika kuva mu buseruko gushika mu burengero, itangazwa ryeranda kandi ritabora ry’ubukiriro bw’ibihe bidahera.

INSOZERO NDENDE

Insozero ndende iza inyuma ya Mr 16:8 ntiri mu Vyanditswe vyahumetswe. Igira iti:

9 Amaze kuzuka kare ku musi ugira gatatu w’iyinga abanza kubonekera Mariya Magadalena, uwo yari yarirukanyemwo amadayimoni indwi. 10 Uwo mugore aragenda, avyiganira abahoranye na Yezu, kuko bari bagandaye bongera barira. 11 Mugabo bo, aho bumviye ko yari yabaye muzima be n’uko yari yabonywe n’uwo mugore, ntibavyemera. 12 Vyongeye, inyuma y’ivyo abonekera babiri muri bo ameze ukundi bari ku nzira, bariko baja mu gihugu hagati; 13 nuko baragaruka bavyiganira abandi. N’ivyo abo bavuze ntibavyemera. 14 Mugabo mu nyuma abonekera bamwe cumi n’umwe ubwabo igihe bari ku meza, aranebagura ukutizera kwabo n’ugukomantara kw’imitima yabo, kuko batemeye ivyavuzwe n’abari bamubonye yazuwe mu bapfuye. 15 Araheza ababwira ati: “Nimugende mw’isi yose mwamamaze inkuru nziza ku vyaremwe vyose. 16 Uwemera kandi akabatizwa azokizwa, mugabo uwutemera azotsindwa n’urubanza. 17 Ikigeretseko, ng’ibi ibimenyetso bizoherekeza abemera: Bakoresheje izina ryanje bazokwirukana amadayimoni, bazovuga mu ndimi, 18 kandi bazotoza inzoka iminwe yabo, kandi banyoye ikintu ico ari co cose cica nta co kizogenda kibagize. Bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.”

19 Nuko rero, Umukama Yezu ahejeje kuvugana na bo, aduganwa mw’ijuru hanyuma yicara iburyo bw’Imana. 20 Na bo baragenda, bamamaza hose, kandi Umukama yakorana na bo akongera agashigikira ubutumwa biciye ku bimenyetso bibuherekeza.

11-17 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | LUKA 1

“Niwigane ukwicisha bugufi kwa Mariya”

ia 149 ing. 12

“Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”

12 Amajambo yavuze yuzuye ukwicisha bugufi n’ukugamburuka arazwi n’abantu bose bafise ukwizera. Yabwiye Gaburiyeli ati: “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova! Nibimbere nk’uko ijambo ryawe rivuze.” (Luka 1:38) Umushumbakazi yari we musuku wo hasi kuruta abandi bose. Ubuzima bwiwe bwose bwaba buri mu minwe ya shebuja. Ukwo ni ko Mariya yumva ameze imbere ya Shebuja, Yehova. Yari azi ko atacomukomye yibereye mu maboko yiwe, ko Yehova ari intahemuka ku ntahemuka ziwe be n’uko yomuhezagiye mu gihe yokoze uko ashoboye kwose muri ico gikorwa kitoroshe yari yashinzwe.​—Zab. 18:25.

ia 150-151 ing. 15-16

“Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”

15 Mariya na we nyene yaragize ico avuze. Amajambo yavuze yarazigamwe neza mw’Ijambo ry’Imana. (Soma Luka 1:46-55.) Nta gukeka ko ayo ari yo majambo menshi kuruta ayandi yose Mariya yavuze yanditswe muri Bibiliya, kandi arahishura vyinshi ku bimwerekeye. Ayo majambo arerekana agatima ko gushima no gukenguruka yari afise, akagaragarira mu kuntu ashemeza Yehova kuko yamuhezagiye akamutera agateka ko kumukorera ari nyina wa Mesiya. Arerekana ukwizera kugera kure yari afise, ukugaragara igihe avuga ko Yehova yashize hasi abibona be n’abanyabubasha, agafasha abo hasi n’abakene barondera kumukorera. Arahishura kandi ukuntu ubumenyi yari afise bwangana. Bigereranywa ko yerekeje ku Vyanditswe vy’igiheburayo incuro zirenga kuri 20!

16 Biragaragara ko Mariya yazirikana cane kw’Ijambo ry’Imana. Naho ari ukwo, yaguma yicisha bugufi, agahitamwo kureka Ivyanditswe ngo bibe ari vyo bivuga ibimwerekeye, aho kuba ari we ubwiwe avyivugira. Uwo muhungu Mariya yari yibungenze na we nyene umusi uri izina yogaragaje agatima nk’ako nyene amaze gukura; yavuze ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse.” (Yoh. 7:16) Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba nubaha Ijambo ry’Imana muri ubwo buryo, canke mpitamwo kwigisha ivyiyumviro vyanje bwite?’ Aho Mariya ahagaze haratomoye.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

nwtsty amakuru adufasha kwiga Lk 1:69

ihembe ry’ubukiriro: Canke “umurokozi w’umunyabubasha.” Muri Bibiliya, akenshi amahembe y’igikoko agereranya inkomezi be n’intsinzi. (1Sm 2:1; Zb 75:4, 5, 10; 148:14) N’ikindi kandi, abategetsi be n’imiryango ya cami, baba abameze neza canke ababisha, bagereranywa n’amahembe, gusekesha amahembe na vyo bikagereranya intsinzi baba batahukanye. (Gus 33:17; Dn 7:24; 8:2-10, 20-24) Muri iki canditswe, imvugo ngo “ihembe ry’ubukiriro” yerekeza kuri Mesiya, uwufise ububasha bwo kurokora, ni ukuvuga umurokozi akomeye.

nwtsty amakuru adufasha kwiga Lk 1:76

Yehova: Amajambo y’ubuhanuzi Zekariya avuga mu gace ka kabiri k’uyu murongo, arasa n’imvugo zikoreshwa muri Yes 40:3 no muri Ml 3:1. Muri iyo mirongo, izina ry’Imana, irigizwe na za ndome zine z’igiheburayo (zihindurwa ngo YHWH), riraboneka mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango. Uravye ivyariko biravugwa, ico gisomwa cakoresheje izina ry’Imana naho ivyandikano vy’ikigiriki vyovyo bikoresha ijambo Kyʹri·os (Umukama). Vyongeye, birashimishije kubona muri uyu murongo no mu yindi myinshi ibonekamwo ijambo Kyʹri·os muri Luka ikigabane ca 1, ata kajambo k’ikigiriki karangura izina Kyʹri·os kashizwe imbere yaryo, nk’uko indimburo y’ikigiriki isanzwe ibigira, ku buryo vyotumye Kyʹri·os rica riba izina ry’uruharo. N’ikindi kandi, Bibiliya nyinshi zirakoresha izina Yehova, Yahveh, Yahweh, יהוה (YHWH, ari yo Tetaragarama), UMUKAMA, na ADONAYI mu gisomwa nyamukuru canke mu tujambo tw’epfo no mu marabiro yo ku mubari, mu kwerekeza kuri Yehova Imana. Hari n’ibitabu vyinshi bishigikira ico kintu.

uzokwitangira imbere Yehova: Yohani Umubatizi ‘yokwitangiye imbere Yehova’ mu buryo bw’uko yobaye integuza ya Yezu, uwoserukiye Se wiwe, akaza no mw’izina rya Se.​—Yoh 5:43; 8:29; raba amakuru yavuzwe kw’izina Yehova.

18-24 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | LUKA 2-3

“Rwaruka, mwoba muriko murakomeza ukwizera kwanyu?”

nwtsty amakuru adufasha kwiga Lk 2:41

abavyeyi biwe bari bamenyereye: Itegeko ntiryasaba abagore kuja guhimbaza umusi mukuru wa Pasika. Ariko Mariya, buri mwaka yarakunda guherekeza Yozefu i Yeruzalemu guhimbaza uwo musi mukuru. (Kv 23:17; 34:23) Uko umwaka utashe, bagira urugendo rw’ibilometero hafi 300 kugenda no kugaruka, bari kumwe n’umuryango wabo watera waguka.

nwtsty amakuru adufasha kwiga Lk 2:46, 47

ababaza ibibazo: Uravye uko abumviriza Yezu bakiriye ivyo yavuga, ibibazo yababaza ntivyari bimwe vy’abana bironderera kumenya utuntu n’utundi. (Lk 2:47) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘kubaza ibibazo,’ mu vyanditswe bimwebimwe rishobora kwerekeza ku kubaza umuntu ibibazo ufatiye ku vyo aba ahejeje kwishura, nka kurya kwo muri sentare. (Mt 27:11; Mr 14:60, 61; 15:2, 4; Ivk 5:27) Abahinga mu vya kahise, bavuga ko hari indongozi z’idini zikomakomeye zakunda kwigumira ku rusengero imisi mikuru irangiye, zikigishiriza abantu mw’ibaraza rimwe ryagutse ryo ku rusengero. Abantu baricara imbere y’ibirenge vy’abo bagabo kugira ngo babumvirize bongere bababaze ibibazo.

baguma bumizwa: Muri uwu murongo, irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kwumizwa,” riserura iciyumviro co kuguma ujumarariwe.

nwtsty amakuru adufasha kwiga Lk 2:51, 52

aguma abayobokera: Canke “abandanya kuyoboka; aguma agamburuka.” Irivuga ry’ikigiriki ryakoreshejwe ng’aha ryerekana igikorwa kibandanya. Ivyo vyerekana ko abigisha bo ku rusengero bamaze gutangarira Yezu kubera ubumenyi yari afise bwo mw’Ijambo ry’Imana, yaciye yitahira muhira maze ayobokera abavyeyi biwe yicishije bugufi. Ukwo kugamburuka kwari gutandukanye cane n’ukw’abandi bana, kuko wewe yategerezwa gushitsa Itegeko rya Musa mu buryo bwitondewe.​—Kv 20:12; Gl 4:4.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

nwtsty amakuru adufasha kwiga Lk 2:14

kw’isi na ho amahoro abe mu bantu ishima: Ivyandikano vy’iminwe bimwebimwe bikoresha imvugo ishobora guhindurwa ngo “kw’isi na ho, abantu bagire amahoro,” kandi na Bibiliya zimwezimwe ni ko zivuga. Ariko rero imvugo yakoreshejwe na Bibiliya y’isi nshasha ni yo dusanga mu vyandikano vy’iminwe vya kera cane kandi vyizigirwa cane. Ayo majambo umumarayika yavuze, ntiyashaka kwerekana ko Imana ishima abantu bose itarinze kuraba inyifato yabo n’ibikorwa vyabo. Ahubwo, yerekeza ku bantu bose bashimwa n’Imana kubera ko bayizera bivuye ku mutima kandi bagacika abayoboke b’Umwana wayo.​—Raba amakuru yerekeye imvugo ngo abantu ishima.

abantu ishima: Imvugo ngo “abantu ishima” iva mw’ijambo ry’ikigiriki eu·do·kiʹa. Iryo jambo rishobora kandi guhindurwa ngo “ubutoni; guhimbarirwa; kwemerwa.” Ayo majambo rero umumarayika yavuze ntiyerekeza ku bantu muri rusangi, ahubwo yerekeza ku bantu bohimbaye Imana bitumwe n’uko bayizera bivuye ku mutima kandi bagacika abayoboke b’Umwana wayo. Naho mu mirongo imwimwe ijambo ry’ikigiriki eu·do·kiʹa rishobora kwerekeza ku vyo abantu bashima (Rm 10:1; Fp 1:15), akenshi rikoreshwa mu kwerekeza ku vyo Imana ishima, canke ku biyihimbara (Mt 11:26; Lk 10:21; Ef 1:5, 9; Fp 2:13; 2Ts 1:11). Muri Bibiliya yitwa Septante, muri Zb 51:18 [50:20, LXX], iryo jambo ryerekezwa ku “butoni” bw’Imana.

wp16.3 9 ing. 1-3

Wari ubizi?

Se wa Yozefu yari nde?

Yozefu wa mubaji w’i Nazareti ni we yari se murezi wa Yezu. None se wa Yozefu yari nde? Mu mamuko ya Yezu dusanga mu Njili ya Matayo, havuga ko yari uwitwa Yakobo, mu gihe mu Njili ya Luka havuga ko Yozefu yari “mwene Heli.” Kwoba ari ukuvuguruzanya?​—Luka 3:23; Matayo 1:16.

Injili ya Matayo ivuga iti: “Yakobo avyara Yozefu.” Iyo mvugo iratomora ko ari we yari se. Matayo yariko yerekana ko Yozefu akomoka mu muryango w’umwami Dawidi. Muri ubwo buryo Yezu umuhungu wiwe yari afise uburenganzira ahabwa n’amategeko bwo kwicara ku ntebe ya cami.

Luka na we avuga ati: “Yozefu mwene Heli.” Mu kigiriki imvugo “mwene” irashobora kandi gusobanura “umukwe wa.” Akarorero ni ibivugwa muri Luka 3:27, aho Sheyalutiyeli umuhungu wa Yekoniya, avugwa ko yari “mwene Neri.” (1 Ngoma 3:17; Matayo 1:12) Sheyalutiyeli ashobora kuba yari yatwaye umukobwa wa Neri atavugwa izina akaba rero yari umukwe wiwe. Muri ubwo buryo nyene Yozefu yari “mwene” Heli, kuko yari yatwaye umukobwa wiwe Mariya. Rero Luka yariko adondora amamuko ya Yezu ku ruhande rwa nyina Mariya. (Abaroma 1:3) Bibiliya iratanga amakuru ngirakamaro y’abo Yezu yakomotseko ku bavyeyi bompi.

25 RUHESHI–1 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | LUKA 4-5

“Nunanire inyosha mbi nka kumwe kwa Yezu”

w13 15/8 25 ing. 8

Murabe ukuntu mubwirizwa kumera

8 Shetani yarakoresheje ayo mayeri nyene igihe yarondera kugerageza Yezu mu gahinga. Yezu amaze imisi 40 n’amajoro 40 yisonzesha, Shetani yaragerageje gufatira ku cipfuzo Yezu yari afise co gufungura. Shetani yavuze ati: “Nimba uri umwana w’Imana, bwira iri buye ricike umukate.” (Luka 4:1-3) Yezu yari afise ibintu bibiri yari guhitamwo: Yari gushobora guhitamwo kudakoresha ububasha afise bwo gukora ibitangaro kugira ngo yironse ibifungurwa, canke agahitamwo kubukoresha. Yezu yari azi ko adakwiye gukoresha ubwo bubasha abitumwe n’ubwikunzi. Naho yari ashonje, kwimara inzara si vyo yashize imbere yo kuzigama ubucuti yari afitaniye na Yehova. Yezu yishuye ati: “Vyanditswe ngo: ‘Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa.’”​—Luka 4:4.

w13 15/8 25 ing. 10

Murabe ukuntu mubwirizwa kumera

10 Tuvuge iki ku vyerekeye Yezu? Shetani “[yamweretse] mu kanya gatoyi ubwami bwose bw’isi; hanyuma . . . amubwira ati: ‘Ndaguha ubwo bubasha bwose n’ubuninahazwa bwabwo.’” (Luka 4:5, 6) Yezu ntiyari kubona n’amaso yiwe ubwami bwose mu kanya gatoyi, mugabo Shetani ategerezwa kuba yiyumviriye ko ubuninahazwa bw’ubwo bwami, nk’uko yabumweretse mw’iyerekwa, hari ukuntu bwokwegereye Yezu. Shetani yavuze ata n’udusoni ati: “Niwapfa kwikubita imbere yanje ukansenga, vyose biraba rwawe.” (Luka 4:7) Yezu ntiyigeze mu buryo na bumwe yipfuza kumera nk’uko Shetani yashaka ko amera. Yaciye ubwo nyene yishura. Yavuze ati: “Vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.’”​—Luka 4:8.

nwtsty akavidewo

Agakuta k’ikirindiro k’urusengero

Shetani ashobora kuba yarashize koko Yezu “hejuru ku gakuta [canke ku gasongero] k’urusengero” maze akamusaba kwikororera hasi. Ariko nta wuzi neza na neza uruhande Yezu ashobora kuba yarahagazeko. Kubera ko ijambo “urusengero” ryakoreshejwe ng’aha rishobora kwerekeza ku kigo cose c’urusengero, Yezu ashobora kuba yahagaze ku mfuruka yo mu bumanuko bushira ubuseruko (1) bw’urusengero. Canke ashobora kuba yahagaze ku yindi mfuruka y’ico kigo. Aho yari gukoroka avuye hose kuri izo mfuruka, yari guca ahwera kiretse Yehova ahaserutse akamukingira.

w13 15/8 26 ing. 12

Murabe ukuntu mubwirizwa kumera

12 Mu buryo buhushanye na Eva, Yezu yaradusigiye akarorero keza igitanga ko kwicisha bugufi. Shetani yararondeye kugerageza Yezu mu bundi buryo, mugabo uno yariyamirije mbere n’iciyumviro co gukora ikintu gitangaje cari kugerageza Imana. Ico cari kuba ari ikintu kiranga ubwibone! Aho kugikora, Yezu yishuye mu buryo butomoye kandi budomako ati: “Bivugwa ngo: ‘Ntukageze Yehova Imana yawe.’”​—Soma Luka 4:9-12.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

nwtsty amakuru adufasha kwiga Lk 4:17

umuzingo w’umuhanuzi Yesaya: Umuzingo wa Yesaya wo ku Kiyaga c’Umunyu ugizwe n’ibice 17 vy’insato bifatanye, ukareha n’imetero 7,3 ukaba ugizwe n’inkingi 54 z’ivyandiko. Birashoboka ko umuzingo wakoreshwa mw’isinagogi y’i Nazareti na wo wareha gutyo. Mu kinjana ca mbere imizingo ntiyagira ibigabane canke imirongo, Yezu rero yabwirizwa kurondera igice yashaka gusoma. Mugabo kuba yaratoye ahari handitswe amajambo y’ubuhanuzi, vyerekana ko yari azi cane Ijambo ry’Imana.

nwtsty amakuru adufasha kwiga Lk 4:25

imyaka itatu n’amezi atandatu: Twisunze ibivugwa mu 1Bm 18:1, “mu mwaka ugira gatatu” ni ho Eliya yatangaza ko uruzuba rwoheze. Hari aberekanye rero ko ivyo Yezu yavuze bitandukanye n’ibiri mu 1 Abami, ariko iyo nkuru ntiyerekana ko urwo ruzuba rwamaze ikiringo kiri munsi y’imyaka itatu. Amajambo ngo “mu mwaka ugira gatatu” biboneka ko yerekeza ku kiringo giharurwa uhereye ku gihe Eliya yamenyesha Ahabu ari ryo rya mbere ko hoteye uruzuba. (1Bm 17:1) Bishoboka ko ivyo yabivuze ici rimaze gutangura, iryakunda kumara amezi ashika kuri atandatu. Ariko ico gihe, biboneka ko ici ryari ryabaye rirerire kuruta uko vyahora. Vyongeye, igihe Eliya yasubira kubonana na Ahabu “mu mwaka ugira gatatu,” uruzuba ntirwaciye ruhera ubwo nyene. Rwagiye kurangira inyuma ya ca kimenyetso c’umuriro cabera ku Musozi Karumeli. (1Bm 18:18-45) Ku bw’ivyo rero, amajambo ya Yezu avugwa muri uwu murongo, be n’ayandi nk’ayo yavuzwe na mwene nyina dusanga muri Yak 5:17, arahuza n’ingene ibintu vyagiye birakurikirana nk’uko tubisanga mu 1Bm 18:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika