Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
3-9 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOHANI 1-2
“Yezu akora igitangaro ca mbere”
Kristu ni ububasha bw’Imana
3 Ku rubanza rw’ubugeni rwari rwabereye i Kana h’i Galilaya, Yezu yarakoze igitangaro ciwe ca mbere. Birashoboka ko abatumire babaye benshi kuruta abari bitezwe. Uko ibintu vyoba vyari vyifashe kwose, umuvinyu waraheze. Muri abo batumire, harimwo Mariya nyina wa Yezu. Nta gukeka ko yari amaze imyaka azirikana ku mihango yose ivugwa mu buhanuzi bwerekeye umwana wiwe, akaba yari azi ko yokwiswe “Umwana wa Musumbavyose.” (Luka 1:30-32; 2:52) Yoba yarizigira ko uwo Mwana yari afise ububasha butari bwahishurwe? Icigaragaza coco ni uko Mariya na Yezu bumviye impuhwe abo bageni, bakaba baripfuza kubafasha kugira ntibamaramare. Yezu yari azi ko umuntu ategerezwa kugaragaza ubwakiranyi. Yaciye rero akora igitangaro mu gufata amalitiro 380 y’amazi ayahindura “umuvinyu mwiza.” (Soma Yohani 2:3, 6-11.) Yoba none yabwirizwa gukora ico gitangaro? Eka data. Ahubwo gusa yaritwararika abantu, akaba kandi yariko arigana Se wiwe wo mw’ijuru mu bijanye no gutanga cane.
Akora igitangaro ca mbere
Ico ni co gitangaro ca mbere Yezu akora. Abigishwa biwe bashasha babonye ico gitangaro, bararushiriza kumwizera. Inyuma y’ivyo, Yezu ari kumwe na nyina wiwe n’abo bavukana baja mu gisagara ca Kaperinawumu mu buraruko bushira uburengero bw’inkengera y’ikiyaga c’i Galilaya.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 1:1
Jambo: Mu kigiriki ni ho loʹgos. Muri uyu murongo rikoreshwa nk’izina ry’icubahiro, cokimwe no muri Yoh 1:14 be no mu Ivy 19:13. Yohani yarerekanye ko iryo zina ryerekeza kuri Yezu. Iryo zina rikoreshwa kuri Yezu muri ibi biringo: igihe yari akiri ikiremwa c’impwemu mw’ijuru, igihe yariko ararangura igikorwa ciwe ng’aha kw’isi ari umuntu atunganye, be n’inyuma y’aho aninaharijwe mw’ijuru. Yezu yari Jambo canke Umuvugizi Imana yakoresha mu kumenyesha amakuru n’ubuyobozi ibindi biremwa, vyaba ivy’impwemu canke abantu. Nta woba yihenze rero yiyumviriye ko imbere y’uko Yezu aza kw’isi Yehova yavugana n’abantu biciye kuri uwo Jambo, umuvugizi wiwe w’umumarayika.—It 16:7-11; 22:11; 31:11; Kv 3:2-5; Abc 2:1-4; 6:11, 12; 13:3.
kumwe na: Ijambo ku rindi ni “hafi ya.” Akajambo k’ikigiriki pros gakoreshwa muri uyu murongo gaserura iciyumviro c’abantu bari hafi na hafi cane canke bafitaniye ubucuti bukomeye. Kerekana kandi ko abavugwa batandukanye, muri uyu murongo akaba ari Jambo be n’Imana yonyene y’ukuri.
Jambo yari imana: Canke “Jambo yakomoka ku Mana [canke “yari ameze nk’Imana”].” Ayo majambo Yohani yavuze adondora akaranga ka “Jambo” (ho loʹgos mu kigiriki; raba ivyavuzwe kuri Jambo), ari we Yezu Kristu. Ikibanza gikomeye Jambo afise co kuba Umwana w’imfura w’Imana, uwo Imana yacishijeko mu kurema ibindi bintu vyose, ni co gifatirwako mu kumwita “imana, uwumeze nk’Imana, uwukomoka ku Mana, uwufise imero nk’iy’Imana.” Abahinduzi ba Bibiliya batari bake bashimye kuhahindura ngo “Jambo yari Imana,” gutyo bakaba bamunganishije n’Imana Mushoboravyose. Ariko rero, hariho imvo nyinshi zotuma tuvuga ko igihe Yohani yavuga “Jambo” atariko avuga Imana Mushoboravyose. Iya mbere: Agace ka kabiri k’umurongo wa 1 be n’agace ka mbere k’umurongo wa 2 twompi turerekana neza ko “Jambo” yari “kumwe n’Imana.” Vyongeye, mu murongo wa 1 n’uwa 2, ijambo ry’ikigiriki the·osʹ ribonekamwo incuro zitatu. Mu kigiriki, aho iryo jambo the·osʹ riboneka ubwa mbere n’ubwa gatatu, imbere yaryo hari akajambo kerekana ko hariko havugwa Imana Mushoboravyose. Ariko aho riboneka ubwa kabiri, ako kajambo ntakariho. Abahinga benshi bavuga ko kubona ata kariho aho riboneka ubwa kabiri, biri n’ico bivuze. Ariko aho ako kajambo kari, ijambo the·osʹ ryerekeza ku Mana Mushoboravyose. Aho katari na ho, the·osʹ ryerekeza ku karanga ka “Jambo.” Ni co gituma hariho Bibiliya nyinshi zo mu congereza, mu gifaransa no mu kidagi zihindura uwo murongo cokimwe na Bibiliya y’isi nshasha, zigaserura iciyumviro c’uko “Jambo” yari “imana, uwukomoka ku Mana, uwufise imero nk’iy’Imana, uwumeze nk’Imana.” Mbere n’ibisomwa vya kera vy’Injili ya Yohani vyo mu ndimi zitwa igisahidike n’ikibohayirike zikomoka ku gikopte, birashigikira ico kintu. Ivyo bisomwa, bishobora kuba vyashizwe muri izo ndimi mu kinjana ca gatatu n’ica kane inyuma ya Kristu. Muri ivyo bisomwa, aho ijambo the·osʹ riboneka ubwa mbere be n’ubwa kabiri muri Yoh 1:1, hakoreshejwe amajambo abiri adasa. Ivyo bisomwa birashimika ku karanga ka “Jambo,” bikerekana ko yari ameze nk’Imana, ariko ntibimunganisha na Se, we Mana Mushoboravyose. Mu buryo buhuye n’ibivugwa muri uyu murongo, mu Bakolosayi 2:9 havuga ko Kristu afise “ukunengesera kwose kw’ubumana.” Muri 2Pt 1:4 na ho havuga ko mbere n’abaraganwa na Kristu bogize “kamere k’Imana.” Vyongeye, muri ya Bibiliya Septante ijambo ry’ikigiriki the·osʹ akenshi rihura n’amajambo y’igiheburayo ʼel na ʼelo·himʹ asobanura ngo “Imana,” bikaba vyiyumvirwa ko muri rusangi asigura ngo “Umunyenkomezi, Umunyabubasha.” Ayo majambo y’igiheburayo, arakoreshwa mu kwerekeza ku Mana Mushoboravyose, ku zindi mana no ku bantu. (Yoh 10:34) Kwita Jambo “imana,” canke “umunyenkomezi,” birahuye n’ibivugwa muri Yes 9:6, ahavuze ko Mesiya yokwiswe “Imana ikomeye” (atari “Imana Mushoboravyose”) be n’uko yobereye “Data ahoraho” abantu bose botewe iteka ryo kuba abatwarwa biwe. Umwete wa Se wiwe “Yehova nyen’ingabo,” wobikoze.—Yes 9:7.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 1:29
Umwagazi w’intama w’Imana: Yezu amaze kubatizwa no kugeragezwa na Shetani, Yohani Umubatizi yamwise “Umwagazi w’intama w’Imana.” Iyo mvugo iboneka muri uyu murongo gusa no muri Yoh 1:36. (Raba Igihimba ca 4 mu Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana.) Birabereye ko Yezu agereranywa n’umwagazi w’intama. Mu nkuru zivugwa muri Bibiliya, abantu bashikana umwagazi w’intama bwa kimenyetso c’uko bemera ko ari abacumuzi no kugira ngo bagiranire ubucuti bwiza n’Imana. Ivyo vyagereranya ikimazi c’ubuzima bwa Yezu butunganye yotanze ku neza y’abantu. Imvugo ngo “Umwagazi w’intama w’Imana” isa n’iyiseruka mu mirongo itari mike yo mu Vyanditswe vyeranda. Kubera ko Yohani Umubatizi yari azi neza Ivyanditswe vy’igiheburayo, igihe yakoresha iyo mvugo ashobora kuba yashaka kuvuga ibi bintu canke kimwe muri vyo: ya mpfizi y’intama Aburahamu yatanga mu gishingo c’umwana wiwe Izahaki (It 22:13), umwagazi w’intama wa pasika Abisirayeli babagiye mu Misiri ugatuma barokorwa bakava mu buja (Kv 12:1-13), canke impfizi y’intama yashikanwa ku gicaniro c’Imana i Yeruzalemu mu gitondo no ku mugoroba (Kv 29:38-42). Yohani ashobora kandi kuba yariko yiyumvira ubuhanuzi bwo muri Yesaya, ubuvuga ko uwo Yehova yita ‘umusavyi wiwe,’ “[yozanywe] nk’intama igiye gukererwa.” (Yes 52:13; 53:5, 7, 11) Igihe intumwa Paulo yandikira Abakorinto ikete ryiwe rya mbere, yavuze ko Yezu ari “pasika yacu,” aba amugereranije n’umwagazi w’intama wa Pasika. (1Kr 5:7) Intumwa Petero yaravuze ivyerekeye “amaraso y’agaciro [ya Kristu, ayameze] nk’ay’umwagazi w’intama utagirako ikirabagu kandi utagirako agatosi.” (1Pt 1:19) Vyongeye, mu gitabu c’Ivyahishuwe Yezu yitwa “Umwagazi w’intama” incuro zirenga 25.—Uburorero bumwebumwe ni: Ivy 5:8; 6:1; 7:9; 12:11; 13:8; 14:1; 15:3; 17:14; 19:7; 21:9; 22:1.
10-16 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOHANI 3-4
“Yezu abwira inkuru nziza Umusamariyakazi”
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 4:6
yari aruhijwe: Muri Bibiliya yose, uyu umurongo ni wo wonyene uvuga ko Yezu ‘yarushe.’ Ico gihe hari nka sasita z’umurango, kandi mu gitondo Yezu ashobora kuba yari yagize urugendo rwo kuva i Yudaya ku Mwonga wa Yorodani aja i Sikara muri Samariya, ukaba wari umudugo w’imetero 900 canke zirenga.—Yoh 4:3-5; Raba Igihimba ca 4 mu Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 3:29
umugenzi w’umukwe: Mu bihe vya kera, umugenzi wa hafi w’umukwe yaramubera umuserukizi yemewe n’amategeko kandi yaragira uruhara rukomeye mu ntambwe zashikana umukwe ku gushinga urugo. Yabonwa nk’uwahuje umukwe n’umugeni. Ku musi w’ubugeni, abitavye urubanza baja ku nzu y’umukwe canke kwa se wiwe, ari na ho hatangirwa inzimano. Mu gihe c’inzimano, umugenzi w’umukwe yararyoherwa cane yumvise ijwi ry’umukwe ariko araganiriza umugeni wiwe, kuko yaca abona ko igikorwa yashinzwe yakiranguye neza. Yohani Umubatizi yigereranije n’“umugenzi w’umukwe.” Ico gihe Yezu ni we yari umukwe, abigishwa biwe na bo uko bagize umugwi bakaba umugeni wiwe mu buryo bw’ikigereranyo. Mu gutegura inzira ya Mesiya, Yohani Umubatizi yarahuje Yezu Kristu n’aba mbere mu bogize umugwi w’“umugeni.” (Yoh 1:29, 35; 2Kr 11:2; Ef 5:22-27; Ivy 21:2, 9) Igihe “umugenzi w’umukwe” yaba ahuje umukwe n’umugeni, yaba ashikije neza igikorwa ciwe. Ntiyasubira kubonwa nk’uwuhambaye. Muri ubwo buryo nyene, Yohani yigereranije na Yezu yavuze ati: “Uwo ategerezwa kubandanya agwira, mugabo jewe nkabandanya ngabanuka.”—Yoh 3:30.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 4:10
amazi mazima: Mu kigiriki, iyo mvugo ikoreshwa mu kuvuga amazi atemba, imbizi y’amazi canke amazi meza yo mw’iriba. Ayo mazi aratandukanye n’amazi ateze mu cobo. Mu Lw 14:5, imvugo y’igiheburayo ikoreshwa mu kuvuga “amazi atemba,” ijambo ku rindi ni “amazi mazima.” Muri Yr 2:13 na 17:13, havuga ko Yehova ari “isôko [canke “imbizi”] ry’amazi mazima,” ni ukuvuga amazi y’ikigereranyo atanga ubuzima. Igihe Yezu yariko araganira na wa Musamariyakazi, yakoresheje imvugo ngo “amazi mazima” mu buryo bw’ikigereranyo, ariko biboneka ko mu ntango uwo Musamariyakazi yiyumviriye ko Yezu yariko avuga amazi nya mazi.—Yoh 4:11.
17-23 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOHANI 5-6
“Nukurikire Yezu ubitumwe n’imvo nziza”
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 6:10
Nya bantu rero baricara, bakaba bari nk’ibihumbi bitanu: Mu kuvuga ivy’iki gitangaro, Matayo ni we wenyene yongerako ati: “Hatarimwo abagore n’abana batoyi.” (Mt 14:21) Birashoboka ko abafunguye biciye kuri ico gitangaro bose hamwe barenga 15.000.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 6:14
wa muhanuzi: Mu kinjana ca mbere, Abayuda benshi bari biteze ko umuhanuzi ameze nka Musa avugwa mu Gus 18:15, 18, yobaye ari we Mesiya. Muri uyu murongo, imvugo ngo kuza mw’isi biboneka ko yerekeza ku gushika kwa Mesiya bari biteze. Yohani ni we wenyene yanditse ibivugwa muri uyu murongo.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 6:27, 54
ibifungurwa bibora . . . ibifungurwa bigumaho ku bw’ubuzima budahera: Yezu yarabonye ko hari abamukurikira we hamwe n’abigishwa biwe bironderera ivy’umubiri gusa. Ibifungurwa birafasha amagara y’abantu ku musi ku musi, ariko “ibifungurwa” vyo mw’Ijambo ry’Imana vyovyo bizotuma abantu bashobora kubaho ibihe bidahera. Yezu rero yariko aremesha iryo sinzi gukorera “ibifungurwa bigumaho ku bw’ubuzima budahera,” ni ukuvuga kugira akigoro ko kwironsa ivyo bakenera mu vy’impwemu no kwizera ivyo biga.—Mt 4:4; 5:3; Yoh 6:28-39.
Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje: Amakikuro yerekana ko abarya umubiri wa Yezu Kritsu n’abanywa amaraso yiwe babigira mu buryo bw’ikigereranyo biciye ku kumwizera. (Yoh 6:35, 40) Kubera ko Yezu yavuze ayo majambo mu 32, biragaragara ko atariko avuga Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, kuko zozo zatangujwe haciye umwaka. Yabivuze gatoyi imbere ya “pasika, umusi mukuru w’Abayuda.” (Yoh 6:4) Abariko baramwumviriza bishoboka ko baciye bibuka ivy’uwo musi mukuru wari wimirije be n’uruhara amaraso y’umwagazi w’intama yagize mu gukiza abantu muri rya joro Abisirayeli bava mu Misiri (Kv 12:24-27). Yezu rero yashaka kwerekana ko amaraso yiwe na yo nyene yoranguye uruhara ruhambaye mu gutuma abigishwa biwe baronka ubuzima budahera.
Tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu
13 Ariko ico nticabujije ko iryo shengero rikurikira Yezu ryivuye inyuma, kandi nk’uko Yohani abivuga, ryamusanze “hakurya y’ikiyaga”. Ni kubera iki iryo shengero ryamukurikiye kandi yari ahejeje kwanka ko bamugira umwami? Benshi bagaragaje ko babona ibintu mu buryo bw’umubiri, bakavuga badoma urutoke ku mfungurwa Yehova yari yarahaye abantu igihe bari mu bugaragwa mu gihe ca Musa. Bashaka kwerekana ko Yezu yari akwiye kubandanya abaronsa imfungurwa. Yezu amaze kubona ivyiyumviro bibi bari bafise mu mitima, yaciye atangura kubigisha ukuri kwo mu vy’impwemu kwari kubafasha kubogora ivyiyumviro vyabo (Yohana 6:17, 24, 25, 30, 31, 35-40). Ivyo vyatumye bamwebamwe bamwidodombera, canecane aho atangiye ikigereranyo kigira giti: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bu[zima] mwogira muri mwebge. Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubu[zima] budashira, nanje nzomuzura ku musi w’iherezo”.—Yohana 6:53, 54.
14 Ibigereranyo Yezu yakoresha kenshi vyaratuma abantu berekana ko boba canke batoba vy’ukuri bipfuza kugendana n’Imana. Ico kigereranyo na co nyene cari gifise iyo ntumbero. Catumye abantu bivumbura. Dusoma duti: “Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’Iryo jambo riragoye: har’uworyumva akarishobora?”. Yezu yaciye asigura yuko bari bakwiye kurondera gutegera insobanuro yo mu buryo bw’impwemu yari muri ayo majambo. Yavuze ati: “Impwemu ni zo zitera ubu[zima], umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubu[zima]”. Ariko naho avugiye ivyo benshi ntibamwumvirije, kandi inkuru ijanye n’ivyo ivuga iti: “Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we”.—Yohana 6:60, 63, 66.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 6:44
amukwegereye: Naho irivuga “gukwega” mu kigiriki ryerekeza ku gukwega urusenga rw’amafi (Yoh 21:6, 11), ntibisigura ko Imana ikwega abantu ku gahato. Iryo rivuga rirashobora no gusobanura ngo “gukwegēra,” kandi ayo majambo ya Yezu ashobora kuba yerekeza kuri Yr 31:3, aho Yehova yabwiye ihanga ryiwe rya kera ati: ‘Nagukwegesheje ubuntu bwuzuye urukundo.’ (Ya Bibiliya yitwa Septante na yo nyene ikoresha iryo rivuga ry’ikigiriki.) Muri ubwo buryo nyene, muri Yoh 12:32 herekana ko Yezu yikwegerako abantu b’uburyo bwose. Ivyanditswe vyerekana ko Yehova yahaye abantu umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Umwe wese arihitiramwo kumukorera canke kutamukorera. (Gus 30:19, 20) Yehova akwegēra kuri we abafise umutima ubereye abigiranye ikibabarwe. (Zb 11:5; Img 21:2; Ivk 13:48) Ivyo abigira biciye kuri Bibiliya no ku mpwemu yiwe nyeranda. Ibivugwa muri Yes 54:13, ari na vyo vyasubiwemo muri Yoh 6:45, vyerekana ko Data yokwegereye abantu muri ubwo buryo.—Gereranya na Yoh 6:65.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 6:64
Yezu yari azi . . . n’uwomuguze uwo ari we: Yezu yariko avuga Yuda Isikariyoti. Imbere y’uko Yezu atora za ntumwa 12, yamaze ijoro ryose asenga Se wiwe. (Lk 6:12-16) Mu ntango rero, Yuda yari umwizigirwa ku Mana. Ariko Yezu afatiye ku Vyanditswe vy’igiheburayo, yari azi ko yohemukiwe n’umugenzi wa hafi. (Zb 41:9; 109:8; Yoh 13:18, 19) Igihe Yuda yatangura kumera nabi, Yezu yarabibonye kuko yashobora kumenya ibiri mu mutima w’umuntu be n’ivyo yiyumvira. (Mt 9:4) Imana ikoresheje ububasha ifise bwo kumenya ibitaraba, yarabonye ko Yezu yohemukiwe n’umugenzi w’umwizigirwa. Ariko turavye kamere z’Imana be n’ivyo ikora, umuntu yoba yihenze hamwe yokwiyumvira ko Yuda ari we yategerezwa guhemuka, nk’aho umengo Imana yari yarabimwandikiye.
kuva mu ntango: Iyo mvugo ntiyerekeza kw’ivuka rya Yuda canke ku gihe yatorwa ngo abe intumwa, kuko yatowe inyuma y’aho Yezu amariye ijoro ryose asenga. (Lk 6:12-16) Ahubwo iyo mvugo yerekeza ku gihe Yuda yatangura kugira agatima k’ubuhemu, Yezu akaba yaciye abibona ubwo nyene. (Yoh 2:24, 25; Ivy 1:1; 2:23; raba na Yoh 6:70; 13:11.) Ivyo vyerekana kandi ko Yuda atahindutse bukwi na bukwi, ko ivyo yakoze yari yavyiyumviriye kandi akabitegura. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, insobanuro y’imvugo ngo “mu ntango” (mu kigiriki ni ar·kheʹ) iza irahindagurika bivanye n’ibiba biriko biravugwa. Nk’akarorero, muri 2Pt 3:4 iyo mvugo “mu ntango” yerekeza ku ntango y’irema. Mu Vyakozwe 11:15 na ho, Petero yavuze ko impwemu nyeranda yaje ku Banyamahanga “nk’uko na twebwe yatujeko mu ntango.” Aho Petero ntiyariko avuga igihe c’ivuka ryiwe canke igihe yatorwa ngo abe intumwa. Ahubwo yariko avuga umusi wa Pentekoti yo mu 33, ni ukuvuga igihe impwemu nyeranda ‘yatangura’ gusukwa ku bantu ku bw’intumbero kanaka. (Ivk 2:1-4) Ubundi burorero bwerekana ingene insobanuro y’imvugo “mu ntango” ishobora guhinduka bivanye n’ibiriko biravugwa, tubusanga muri Lk 1:2; Yoh 15:27; na 1Yh 2:7.
24-30 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOHANI 7-8
“Yezu yaraninahaje Se wiwe”
“Vyanditswe ngo”
5 Yezu yashaka ko abantu bamenya aho ubutumwa yashikiriza bwava. Yavuze ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse.” (Yohani 7:16) Ikindi gihe yavuze ati: “[N]ta kintu na kimwe nkora ndavyigeneye; mugabo nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu.” (Yohani 8:28) Yaranavuze ati: “Ibintu ndababwira sindabivuga ndavyibwiye; mugabo Data, umwe aguma yunze ubumwe nanje, akora ibikorwa vyiwe.” (Yohani 14:10) Mu kwerekana ko ayo majambo ari ay’ukuri, Yezu yarasubiyemwo kenshi ivyanditswe mw’Ijambo ry’Imana.
6 Umuntu yihweje yitonze amajambo yanditswe Yezu yavuze arabona ko yasubiyemwo neza na neza amajambo yo mu bitabu vyemewe vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo canke akayerekezako ku bice birenga mirongo itanu kw’ijana. Ukivyumva, umengo ntibitangaje. Mu myaka itatu n’igice yamaze yigisha yongera yamamaza ku mugaragaro, wokwibaza igituma atasubiyemwo ibivugwa mu bitabu vyose vyahumetswe vyari biriho. Ariko rero mu vy’ukuri, ashobora kuba yarabigize. Niwibuke ko Yezu yavuze ibintu vyinshi akora n’ibintu vyinshi, ariko muri vyo hakaba handitswe bike cane. (Yohani 21:25) Nkako, mu masaha makeyi gusa woshobora kuba uhejeje gusoma n’ijwi ryumvikana amajambo yose yanditswe Yezu yavuze. Ariko rero, ibaze nka hamwe woba ufise amasaha makeyi gusa yo kuvuga ibijanye n’Imana be n’Ubwami bwayo mugabo ukaba ubwirizwa gusubiramwo ibice birenga mirongo itanu kw’ijana vy’ibiri mu bitabu vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo! N’ikindi kandi, akenshi Yezu ntiyaba afise imizingo yanditse. Igihe yatanga ya Nsiguro rurangiranwa yo ku Musozi, yarasubiyemwo yongera arerekeza kenshi ku majambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, kandi ivyo abigira ataho arinze kuyasoma
Nuronke impwemu y’Imana, nturonke iy’isi
19 Nugamburukire Yehova uherejeko. Yezu yama nantaryo akora ibihimbara Se wiwe. N’imiburiburi igihe kimwe, ukuntu Yezu yabona ingene akwiye kuvyifatamwo mu ngorane kwari gutandukanye n’ivyo Se wiwe yipfuza. Yamara, abigiranye ukwizigira yabwiye Se wiwe ati: “Ntihabe ukugomba kwanje, ahubwo habe ukugomba kwawe.” (Luka 22:42) Niwibaze uti: ‘Noba ngamburukira Imana n’igihe nyene kubigira biba bitoroshe?’ Kugamburukira Imana birahambaye kugira ngo turonke ubuzima. Tubwirizwa kuyigamburukira tudaca ku ruhande kubera yuko ari yo Muremyi wacu, Sôko ry’ubuzima bwacu ikaba ari na yo ibuzigama. (Zab. 95:6, 7) Nta kintu na kimwe cosubirira ukugamburuka. Ntidushobora gutoneshwa n’Imana mu gihe tutagamburuka.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ni kubera iki dukwiye kuvuga ukuri?
Ni akarorero akahe Yezu Kristu yatanze ku bijanye n’ivyo? Igihe kimwe, yariko araganira n’abantu bamwe batizera berekanye ko bipfuza kumenya ibijanye n’urugendo yari kugira. Bamuhanuye bati: “N’uve ino, uje i Yudaya”. NoneYezu yishuye iki? Yavuze ati: “Mwebge ni mudūge [i Yeruzalemu] kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidūgako, kukw igihe canje kitaragera”. Gatoyi inyuma y’ivyo, Yezu yahavuye aja i Yeruzalemu kuri iyo misi mikuru. Ni kubera iki yishuye ukwo? Nta burenganzira bari bafise bwo kumenya neza utuntu tw’ido n’ido tw’aho yategerezwa kuba ari. Rero, naho Yezu atavuze ikinyoma, yabahaye inyishu idakwiye kugira ngo yirinde akaga bari gushobora kumuteza canke guteza abayoboke biwe. Ico nticari ikinyoma kubera ko intumwa Petero yanditse ku bijanye na Kristu ati: “Nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe”.—Yohana 7:1-13; 1 Petero 2:22.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 8:58
jewe nariho: Abayuda barwanya Yezu barahatswe kumutera amabuye bamuhora ngo avuze ko ‘yabonye Aburahamu,’ ngo kandi ‘ata n’imyaka mirongo itanu yari afise.’ (Yoh 8:57) Yezu yashaka kuvuga ko Aburahamu ataravuka, wewe yari mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha. Hari abavuga ko uyu murongo werekana ko Yezu ari we Mana. Bavuga ko imvugo y’ikigiriki yakoreshejwe ng’aha ari yo e·goʹ ei·miʹ (iyihindurwa ngo “jewe ndiho” muri Bibiliya zimwezimwe), yerekeza ku bivugwa muri Kv 3:14 muri ya Bibiliya Septante, ko rero iyo mirongo yompi ikwiye kuba iri mu mwanya wa kubu. Ariko irivuga ry’ikigiriki ei·miʹ ryakoreshejwe muri uyu murongo ryerekana ko Yezu yabayeho “imbere y’uko Aburahamu abaho” kandi ko gushika ico gihe yari akiriho. Birabereye rero kubona muri uyu murongo havuga ngo “jewe nariho” aho kuvuga ngo “jewe ndiho.” Kanatsinda, hari Bibiliya zitari nke za kera cane be n’iz’ubu zikoresha iyo mvugo nyene ngo “jewe nariho.” Nkako, muri Yoh 14:9 iryo rivuga nyene ry’ikigiriki ei·miʹ rikoresha umwanya wa kahise. Muri uwo murongo Yezu yavuze ati: “Mbega nabanye namwe igihe kirekire gutya, ukaba utaramenya ga Filipo?” Bibiliya nyinshi zikoresha imvugo yerekana ko Yezu yari amaze igihe ari kumwe n’abigishwa biwe kandi ko yari akiri kumwe na bo. (Ubundi burorero bw’aho irivuga ry’ikigiriki riri mu mwanya wa kubu mugabo rikaba ryerekana igikorwa camaze gutangura kandi kikibandanya, tubusanga muri Lk 2:48; 13:7; 15:29; Yoh 1:9; 5:6; 15:27; Ivk 15:21; 2Kr 12:19; 1Yh 3:8.) Vyongeye, turavye ivyo Yezu yavuze muri Yoh 8:54, 55 biraboneka ko atashaka kuvuga ko ari we Mana.