Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
3-9 KIGARAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 9-11
“Uwatoteza abigishwa ba Yezu acika umwigishwa w’umunyamwete”
Ishengero “rija mu kiringo c’amahoro”
INGENZI zarakaye ziregereje gushika i Damasiko, zikaba zijanywe n’umugambi ugayitse. Bahava binjira mu mazu y’abo banka, ni ukuvuga abigishwa ba Yezu, bababohe, babamaramaze, baheze babajane imbere y’Inama Nkuru i Yeruzalemu bababuruta, kugira ngo bibonereko.
2 Kizigenza w’ako kagwi k’inkorabara ni uwitwa Sauli, uno akaba asanzwe yagirwa n’amaraso. Gatoya imbere y’aho, igihe abanyedini bagenziwe b’ishaka rirenze bariko bicisha amabuye Sitefano, uno akaba yari umwigishwa wa Yezu w’umunyamwete, Sauli ni ho yari ari avyitegereza, kandi yarabishigikiye. (Ivyak. 7:57–8:1) Kubera yuko Sauli atarashirwa no guhama abayoboke ba Yezu baba i Yeruzalemu, ubu yiyemeje no kuja kurondera ababa mu tundi turere. Yipfuza kurandurana n’imizi abagize umuce bivugwa ko uteye akaga, ni ukuvuga abakurikira “Ya Nzira.”—Ivyak. 9:1, 2.
Dukenguruke kuba Yehova ari Umubumvyi wacu
4 Iyo Yehova yitegereje abantu, ntaraba uko baboneka inyuma. Ahubwo nyabuna, asuzuma umutima, ni ukuvuga umuntu w’imbere. (Soma 1 Samweli 16:7b.) Ivyo vyarigaragaje neza igihe Imana yashinga ishengero rya gikirisu. Yarakwegereye kuri yo no ku Mwana wayo abantu benshi boshoboye gusa n’abadahimbaye, twisunze uko umuntu abona ibintu. (Yoh. 6:44) Umwe muri abo ni Umufarizayo yitwa Sauli, uwari “umurogosi, uwuhamana, [a]kaba n’umuntu atisonera.” (1 Tim. 1:13) Ariko rero wa “musuzumyi w’imitima” ntiyabona Sauli nk’ibumba ata co rimaze. (Imig. 17:3) Ahubwo riho, Imana yabonye ko yoshobora kuvamwo icombo gihimbaye, imugira “icombo [y]itoreye” kugira ngo ashinge intahe “ku mahanga no ku bami no kuri bene Isirayeli.” (Ivyak. 9:15) Abandi Imana yabonye ko bashobora kuvamwo ivyombo “[b]ikoreshwa ibiteye iteka” harimwo abahoze ari imborerwa, abasambanyi n’abasuma. (Rom. 9:21; 1 Kor. 6:9-11) Bararonse ubumenyi butagira amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana, barakomeza ukwizera kwabo, gutyo barareka Yehova arababumbabumba.
Ishengero “rija mu kiringo c’amahoro”
15 Woba ushobora kwiha ishusho y’ukuntu abantu amasinzi bakubiswe n’inkuba, bakajongoroka, abandi na bo ishavu rikaniga aho baboneye Sauli atanguye kwamamaza mu masinagogi ivyerekeye Yezu? Babajije bati: “Mbega uyo si umwe yayogeza ab’i Yeruzalemu bambaza iryo zina?” (Ivyak. 9:21) Igihe Sauli yariko arasigura icatumye ahindura ukuntu yari asanzwe abona ivyerekeye Yezu, ‘yaremeje mu buryo bwumvikana yuko uyo yari Kristu.’ (Ivyak. 9:22) Ariko ntiwumve, ukuri ntigukundwa na bose. Ntigushobora kugira ico gukoze ku bantu bose banyuzwe n’imigenzo canke biziziwe n’ubwibone. Naho biri ukwo, Sauli ntiyatanye n’akabando.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ishengero “rija mu kiringo c’amahoro”
5 Igihe Yezu yahagarika Sauli ku nzira ija i Damasiko, ntiyamubajije ngo “Uhamira iki abigishwa banje?” Nk’uko twamaze kubibona, yavuze ati: “Umpamira iki?” (Ivyak. 9:4) Emwe, ibigeragezo bishikira abayoboke ba Yezu, abibona nk’aho ari we biba biriko birashikira.—Mat. 25:34-40, 45.
6 Niba uriko uragirirwa nabi uhorwa ko wizera Kristu, numenye neza ko Yehova na Yezu bazi neza ibiriko biragushikira. (Mat. 10:22, 28-31) Vyoshika ikigeragezo kiriko kiragushikira ntuce ugikurwako ubwo nyene. Niwibuke yuko Yezu yabonye ingene Sauli yariko agira uruhara mw’iyicwa rya Sitefano, yongera arabona n’ingene Sauli yaburuta abigishwa biwe b’abizigirwa abasohora mu mazu yabo i Yeruzalemu. (Ivyak. 8:3) Yamara rero, Yezu ntiyagize ico akoze ico gihe. Naho vyari ukwo, Yehova abicishije kuri Kristu, yararonkeje Sitefano be n’abandi bigishwa inkomezi bari bakeneye kugira ngo bagume ari abizigirwa.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 10:6
Simoni, umuhinguzi w’inshato: Umuhinguzi w’inshato yakoresha ibintu vy’uruvange rurimwo ishwagara kugira ngo azikureko ubwoya, utunyama canke ibinure vyaba vyazisigayeko. Ivyo biheze, yaca atunganya nya nshato akoresheje urundi ruvange rukaze rwava mu biterwa, zikabona guhingurwamwo ibindi bintu. Igikorwa co gutegura inshato caratera umunuko kandi casaba amazi menshi. Bishoboka ko ari co gituma Simoni yaba iruhande y’ikiyaga, kumbure ku mpera y’igisagara ca Yopa. Itegeko rya Musa ryavuga ko umuntu akoze ku muvyimba w’igikoko yaca aba uwuhumanye. (Lw 5:2; 11:39) Ni co gituma Abayuda benshi basuzugura abahinguzi b’inshato kandi ntibakunde no kubasaba indaro. Nkako, igitabu c’Abayuda citwa Talimudi cavuze ko umuhinguzi w’inshato yarutwa n’uwegeranya amayezi. Ariko ivyo ntivyabujije ko Petero yaka indaro kwa Simoni. Kuba Petero atamwinuvye vyaramuteguye ku bw’ibanga yahavuye ashingwa ryo kuja mu rugo rw’Umunyamahanga. Hari abahinga bavuga ko izina “umuhinguzi w’inshato” (mu kigiriki byr·seusʹ) ari agatazirano kahawe Simoni.
10-16 KIGARAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 12-14
“Paulo na Barunaba barahinduye abantu abigishwa mu turere twa kure”
‘Barujujwe akanyamuneza be n’impwemu nyeranda’
4 Ni kubera iki none impwemu nyeranda yategetse ko Barunaba na Sauli baba ari bo bashirwa ku ruhande “ku bw’i[co] gikorwa”? (Ivyak. 13:2) Bibiliya nta co ibivugako. Ikizwi coco ni uko impwemu nyeranda ari yo yategetse ko abo bagabo batorwa. Nta kintu na kimwe cerekana ko abahanuzi be n’abigisha b’i Antiyokiya barwanije iyo ngingo. Ahubwo riho, barashigikiye bimwe vyuzuye igenwa ryabo. Iyumvire ukuntu Barunaba na Sauli bumvise bamerewe igihe abavukanyi babo ‘bisonzesha, bagasenga, bakabarambikako ibiganza, bagaheza bakabareka bakagenda,’ kandi ivyo akaba ata shari babigiranye. (Ivyak. 13:3) Na twebwe nyene turakwiye gushigikira abaterwa uduteka mw’ishengero, ushizemwo n’abagabo bagenwa kugira ngo babe abacungezi mw’ishengero. Aho kugirira ishari ababa batewe utwo duteka, dukwiye riho “kubiyumvira mu buryo burengeye ubudasanzwe, mu rukundo, kubera igikorwa cabo.”—1 Tes. 5:13.
‘Bavugana ubutinyutsi bivuye ku bubasha bwa Yehova’
5 Paulo na Barunaba babanje guhagarara muri Ikoniyo, kino kikaba cari igisagara cari ciganjemwo gusa abantu b’imico y’Abagiriki, kikaba kandi cari kimwe mu bisagara bikomakomeye vyo mu ntara y’Uburoma yitwa Galatiya. Ico gisagara cabamwo Abayuda bakomakomeye be n’abandi bantu benshi cane bari barinjiye idini ry’Abayuda. Nk’uko Paulo na Barunaba bari basanzwe babigira, barinjiye mw’isinagogi baca batangura kwamamaza inkuru nziza. (Ivyak. 13:5, 14) “[Baravuze] ku buryo Abayuda n’Abagiriki indiri n’indiri bacika abemera.”—Ivyak. 14:1.
Nukorere Imana udahemuka naho woca mu “makuba menshi”
4 Igihe Paulo na Barunaba bava i Derube, baciye “basubira i Lusitira no muri Ikoniyo n’i Antiyokiya, bakomeza imitima y’abigishwa, babaremesha kuguma mu kwizera bavuga kandi bati: ‘Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.’” (Ivyak. 14:21, 22) Mu ntango, ayo majambo ashobora kuba yasa n’ayatumvikana. Nakare, kuvuga ko bazoca mu “makuba menshi” vyasa n’ibivuna umutima aho kuba ibiremesha. None vyashobotse gute ko Paulo na Barunaba “bakomeza imitima y’abigishwa” mu kubabwira ibijanye n’amakuba menshi?
5 Twihweje neza ayo majambo ya Paulo, turashobora kuronka inyishu. Ntiyavuze ngo: “Dutegerezwa gushikirwa n’amakuba menshi.” Ahubwo yavuze ati: “Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.” Paulo rero yarakomeje abo bigishwa mu gushimika ku vyiza biva ku kuguma ari abizigirwa. Iyo mpera boronse ntirwari uruhendo. Nkako, Yezu yavuze ati: “Uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”—Mat. 10:22.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ibikorwa
12:21-23; 14:14-18. Herodi yaremeye ata n’isoni guhabwa ubuninahazwa bukwiye guhabwa Imana gusa. Ese ingene ivyo bitandukanye n’ukuntu Paulo na Barunaba banse bashimitse kandi badatebaganye gushemezwa no guhabwa icubahiro vyari bibarengeye! Ntidukwiye kwipfuza kuninahazwa ku bw’ikintu ico ari co cose twoshobora kuba twaranguye mu murimo wa Yehova.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 13:9
Sauli, ari na we Paulo: Kuva kuri uwu murongo kubandanya, Sauli yitwa Paulo. Iyo ntumwa yari Umuheburayo yavukanye ubwenegihugu bw’Uburoma. (Ivk 22:27, 28; Fp 3:5) Birashoboka rero ko kuva mu bwana yari afise amazina abiri, iry’igiheburayo ari ryo Sauli be n’iry’ikiroma ari ryo Paulo. Ico gihe vyari ibisanzwe ko Abayuda bagira amazina abiri, canecane ababa hanze ya Isirayeli. (Ivk 12:12; 13:1) Nk’akarorero, hari incuti za Paulo zishobora kuba zari zifise izina ry’ikiroma canke ry’ikigiriki ryiyongera ku mazina y’igiheburayo bari bafise. (Rm 16:7, 21) Kubera ko Paulo yari “intumwa ku mahanga,” yashinzwe ibanga ryo kumenyesha inkuru nziza abatari Abayuda. (Rm 11:13) Biboneka ko yahisemwo gukoresha izina ryiwe ry’ikiroma, kuko yabona ko ari vyo vyorushirije kuba vyiza. (Ivk 9:15; Gl 2:7, 8) Hari abavuga ko yahisemwo iryo zina ry’ikiroma mu ntumbero yo gutera iteka Serejiyo Paulosi. Ariko biboneka ko atari ko biri, kuko n’inyuma y’aho Paulo aviriye i Shipure yagumye yitwa iryo zina. Abandi na bo bavuga ko Paulo atashimye gukoresha izina ryiwe ry’igiheburayo kuko mu kigiriki ryaturwa cokimwe n’ijambo ryerekeza ku muntu yatambukana ubwibone (canke igikoko).
Paulo: Izina ry’ikigiriki Pauʹlos rikomoka ku ry’ikilatini Paulus, rikaba risobanura ngo “mutoyi” canke “gitoyi.” Muri Bibiliya y’isi nshasha y’ikirundi ribonekamwo incuro 154 mu Vyanditswe vy’ikigiriki ryerekeza kuri Paulo, be n’incuro imwe ryerekeza kuri buramatari wa Shipure yitwa Serejiyo Paulosi.—Ivk 13:7.
17-23 KIGARAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 15-16
“Barahurije ku ngingo imwe bisunze Ijambo ry’Imana”
‘Haba ugucanamwo kutoroshe’
8 Luka yongeyeko ati: “Aho hamariye kuba ugucanamwo be n’uguharira kutoroshe hagati [y’abo “bantu bamwe”] na Paulo na Barunaba, [abakurambere baciye] bashinga yuko Paulo na Barunaba n’abandi bo muri bo baduga ku ntumwa n’abagabo b’inararibonye i Yeruzalemu ku vyerekeye ivyo bihari.” (Ivyak. 15:2) Iyo mvugo ngo “ugucanamwo be n’uguharira” yerekana ko ku mpande zompi, abantu baguma badadaza, ku buryo ishengero ry’i Antiyokiya ritari gushobora gutunganya iyo ngorane. Kugira ngo ishengero rizigame ubumwe n’amahoro, ryaciye rifata ingingo iranga ubukerebutsi yo kurungika ico kibazo ku “ntumwa n’abagabo b’inararibonye i Yeruzalemu,” bano bakaba ari bo bari bagize inama nyobozi. None twokwigira iki kuri abo bakurambere b’i Antiyokiya?
Abakirisu b’ukuri barubaha Ijambo ry’Imana
6 Icanditswe cafashije gutorera umuti ico kibazo ni Amosi 9:11, 12. Nk’uko casubiwemwo mu Vyakozwe 15:16, 17, kigira giti: “Nzogaruka nongere kwubaka urusago rwa Dawidi rwatemvye; kandi nzokwongera kwubaka ibihomvagurike vyarwo nongere kuruhagarika, kugira ngo abasigaye bo mu bantu baronderane ubwira Yehova, bari kumwe n’abo mu mahanga yose, igisata citirirwa izina ryanje, ni ko Yehova avuga”
7 Hari uwoharira avuga ati: ‘Mugabo ico canditswe ntikivuga yuko vyari ngombwa yuko abemera b’Abanyamahanga bagenyerwa.’ Ivyo ni vyo; ariko rero abakirisu b’Abayuda bari kubitahura gutyo. Uti kubera iki? Kubera ko babona ko Abanyamahanga bagenyerewe ari abavukanyi, atari ‘abo mu mahanga.’ (Kuv. 12:48, 49) Nk’akarorero, twisunze impinduro yitwa Septante ya Bagster, muri Esiteri 8:17 hagira hati: “Benshi mu Banyamahanga bariko baragenyerwa, bagacika Abayuda.” Ku bw’ivyo, igihe Ivyanditswe vyavuga ko abasigaye bo mu nzu ya Isirayeli (ni ukuvuga Abayuda be n’abagenyerewe binjiye idini ry’Abayuda) bari kumwe n’ “abo mu mahanga yose” (ni ukuvuga Abanyamahanga batagenyerewe) bobaye igisata kimwe citirirwa izina ry’Imana, ubwo butumwa bwari butomoye. Abanyamahanga bipfuza kuba abakirisu, ntivyari ngombwa yuko bagenyerwa.
‘Bakomeza amashengero’
18 Paulo na Timoteyo baramaze imyaka itari mike bakorana. Narirya bari abasuku b’ingenzi, bararanguye ibikorwa bitandukanye baba bashinzwe n’inama nyobozi. Inkuru yo muri Bibiliya igira iti: “Bariko baragenda baca mu bisagara, bagenda bashikiriza abaho ingingo zashinzwe zari zapfunditswe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye bari i Yeruzalemu, ngo bazubahirize.” (Ivyak. 16:4) Biboneka ko amashengero yakurikiza ubuyobozi bwava ku ntumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu. Ico ukwo kugamburuka kwavuyemwo ni uko “amashengero [yabandanije] gukomezwa mu kwizera no kwongerekana mu gitigiri ku musi ku musi.”—Ivyak. 16:5.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Twigire kuba maso ku ntumwa za Yezu
8 None iyo nkuru itwigisha iki? Urabona ko impwemu y’Imana yagiye kuhaseruka ari uko gusa Paulo amaze gufata urugendo ruja muri Aziya. Mu nyuma, Yezu yahaye ubuyobozi Paulo ari uko gusa amaze kwegereza i Bitiniya. Ubwa nyuma, Yezu yahaye ubuyobozi Paulo bwo kuja i Makedoniya ari uko gusa amaze gushika i Tirowa. Kubera ko Yezu ari we Mutwe w’ishengero, yoshobora kutuyobora muri ubwo buryo nyene. (Kol. 1:18) Nk’akarorero, woshobora kuba wariyumviriye ibijanye no gukora ubutsimvyi canke kwimukira ahakenewe abamamaji kuruta ahandi. Mugabo vyoshobora gushika ko Yezu, abicishije ku mpwemu y’Imana, akuyobora ari uko gusa umaze gutera intambwe zo gushikira uwo mugambi wawe. Tubitangire akarorero: Umushoferi arashobora kunyonga umuduga wiwe hanyuma agakatira i buryo canke i bubamfu. Ivyo abigira mu gihe gusa uyo muduga uba uriko uragenda. Muri ubwo buryo nyene, Yezu yoshobora kutuyobora mu bijanye no kwagura ubusuku bwacu, mu gihe gusa tuba turiko turagenda, ni ukuvuga mu gihe tuba turiko turagira akigoro kugira ngo dushike kuri uwo mugambi twishingiye.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 16:37
twebwe abantu b’Abaroma: Ni ukuvuga, abafise ubwenegihugu bw’Uburoma. Paulo, kumbure mbere na Silasi bari bafise ubwenegihugu bw’Uburoma. Itegeko ry’Abaroma ryavuga ko Umuroma yamana uburenganzira bwo kwumvirizwa imbere yo gucirwa urubanza, ntiyigere ahanwa ku mugaragaro atabanje kwagirwa n’icaha. Kugira ubwenegihugu bw’Uburoma vyaraha umuntu uburenganzira bumwebumwe budasanzwe aho yaja hose mu Nganji y’Abaroma. Uwufise ubwo bwenegihugu yagengwa n’amategeko y’Uburoma, ntiyagengwa n’amategeko y’intara yaba arimwo. Yagirijwe, yarashobora kwemera kurenguka muri sentare yo mu karere arimwo, ariko yaguma afise uburenganzira bwo kwumvirizwa na sentare y’Abaroma. Bamuciriye urwo gupfa, yari afise uburenganzira bwo kwungururiza ku mwami w’abami. Intumwa Paulo yaramamaje cane inkuru nziza mu Nganji y’Uburoma. Bibiliya iravuga incuro zitatu aho yakoresheje uburenganzira yahabwa n’ubwenegihugu bw’Uburoma. Incuro ya mbere ni iyi ivugwa ng’aha, igihe yabwira abacamanza b’i Filipi ko bari bahonyanze agateka kiwe mu kumukubita.—Izindi ncuro zibiri, ziboneka mu Vyakozwe 22:25; 25:11.
24-30 KIGARAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 17-18
“Twigane intumwa Paulo mu kwamamaza no mu kwigisha”
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 17:2, 3
azirikana: Paulo ntiyababwiye inkuru nziza gusa. Yarabasiguriye yongera arabaha ibimenyamenya akoresheje ibintu vyanditswe, ni ukuvuga ibintu vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ntiyasomeye gusa ivyanditswe abamwumviriza, ahubwo yarabafashije kuzirikana ahuje n’uko ivyabo vyifashe. Irivuga ry’ikigiriki di·a·leʹgo·mai risigura “guhana ijambo; kuganira; guhana ivyiyumviro.” Ritekeye iciyumviro c’abantu bariko barayaga. Iryo rivuga ni ryo kandi rikoreshwa muri Ivk 17:17; 18:4, 19; 19:8, 9; 20:7, 9.
ibintu vyanditswe: Ijambo ry’ikigiriki ryakoreshejwe risobanura ngo “gushira hamwe (gushira hampande).” Ivyo bisobanura ko Paulo yafata ubuhanuzi bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo bwavuga ivyerekeye Mesiya akabugereranya avyitondeye n’ibintu vyabaye mu buzima bwa Yezu, maze agaca yerekana ingene ubwo buhanuzi bwarangukiye kuri Yezu.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 17:17
akaguriro: Akaguriro k’i Atene (mu kigiriki ni a·go·raʹ) kangana n’ihegitari nka 5 (imetero 200 kuri 250), kakaba kari mu buraruko bushira uburengero bw’agace gahanamye kitwa Acropole. Ako kaguriro ntikari ako kudandarizamwo no kuguriramwo ibintu gusa. Kari intimatima y’ico gisagara mu vy’ubutunzi, mu vya politike no mu vy’imico kama. Abantu b’i Atene barakunda guhurira muri ico kibanza kugira ngo babe baraharira ku bintu bimwebimwe.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 17:22, 23
Ku Mana Itazwi: Ayo majambo mu kigiriki ni A·gnoʹstoi the·oiʹ, akaba yari yanditswe ku gicaniro kimwe c’i Atene. Kugira ngo abantu b’i Atene berekane ko batinya imana zabo, barubaka insengero nyinshi n’ibicaniro vyinshi, mbere n’ibicaniro vy’imana zo mu vyiyumviro. Zimwe muri izo ni nk’imana Nguvu, Kuvugangwa, Kwifata ruto, Bujijutsi be n’Imbabazi. Kumbure kugira ngo ntihagire imana bibagira maze igahava ibashavurira, hariho igicaniro beguriye “Imana Itazwi.” Mu gutunganya ico gicaniro, abo bantu bari bemeje ko hariho Imana batazi namba. Paulo abigiranye ubuhanga yarafatiye kuri ico gicaniro kugira ngo abamenyeshe ivyerekeye iyo Mana, ni ukuvuga Imana y’ukuri, iyo batari bwamenye gushika ico gihe.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ibikorwa
18:18—Ni indagano iyihe Paulo yagize? Hari incabwenge zitanga iciyumviro c’uko Paulo yari yagize indagano y’Ubunaziri. (Guh. 6:1-21) Ariko rero, Bibiliya ntivuga indagano Paulo yagize iyo ari yo. Vyongeye, Ivyanditswe ntibivuga niba iyo ndagano Paulo yayigize imbere y’uko aba umukirisu canke inyuma yaho, kibure ngo bivuge niba igihe ayo majambo yavugwa yari ayitanguye canke ayisozereye. Uko vyari biri kwose, kugira indagano mwene iyo nta caha vyarimwo.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 18:21
nimba Yehova abigomba: Iyi mvugo yerekana ko igihe umuntu ariko arakora ikintu canke ategekanya kugikora, akwiye kubanza kuzirikana ivyo Imana igomba. Intumwa Paulo yaritwararika cane ico kintu. (1Kr 4:19; 16:7; Heb 6:3) Umwigishwa Yakobo na we nyene yaremesheje abantu kuvuga ngo: “Nimba Yehova abigomba, tuzobaho, dukore iki canke kiriya.” (Yak 4:15) Ayo majambo ntakwiye kuba ayo ku karimi gusa. Uwuvuga ata buryarya ngo “nimba Yehova abigomba,” ategerezwa kwihatira gukora ibintu nk’uko Yehova agomba. Si ngombwa ngo umuntu yame abivugira hejuru, ahubwo akenshi abivugira mu mutima gusa.—Raba Ivk 21:14; 1Kr 4:19; Yak 4:15, n’Igihimba ca 2 mu Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana.
KIGARAMA 31–6 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 19-20
“Mwirinde ubwanyu, murinde n’ubusho bwose”
“Muragire ubusho bw’Imana mujejwe”
5 Iyo ntumwa yanditse ko abagabo b’inararibonye babwirizwa ‘kuragira ubusho bw’Imana bajejwe.’ Vyari bihambaye cane ko batahura yuko ubusho ari ubwa Yehova na Yezu Kristu. Abo bakurambere bategerezwa kugira ico babajijwe ku bijanye n’ukuntu barinda ubusho bw’Imana. Dufate yuko umugenzi wawe somambike agusavye kwitwararika abana biwe igihe atari ho ari. None ntiwobitwararika neza ukongera ukabagaburira? Bishitse umwe muri bo akarwara, ntiwokora uko ushoboye none kugira ngo umuvuze? Muri ubwo buryo nyene, abakurambere b’ishengero babwirizwa “[kuragira] ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’Umwana wayo bwite.” (Ivyak 20:28) Baguma bibuka yuko intama imwimwe yose yaguzwe amaraso y’agaciro ya Kristu Yezu. Kubera yuko hari ico abakurambere bazobazwa, baragaburira ubusho, bakabukingira kandi bakabwitwararika.
Abakurambere ni ‘abakozi bagenzi bacu ku bw’akanyamuneza kacu’
15 Kuba umwungere bisaba gukora cane. Birashika abakurambere bakarara maso bariko bariyumvira ubusho bw’Imana babijanisha n’isengesho canke bariko barafasha mu vy’impwemu abo basangiye ukwemera. (2 Kor. 11:27, 28) Naho ari ukwo, abakurambere bararangura ibanga ryabo bimwe bishitse kandi bahimbawe, nk’uko Paulo yabigize. Yandikiye Abakorinto ati: “Nzotanga ivyo mfise vyose mpimbawe rwose nongere nitange wese ku bwanyu.” (2 Kor. 12:15) Nkako, Paulo abitumwe n’urukundo yaritanze bimwe bishitse mu kubakomeza. (Soma 2 Abakorinto 2:4; Flp. 2:17; 1 Tes. 2:8) Ntibitangaje kuba abavukanyi baramukunda cane!—Ivyak. 20:31-38.
‘Ndacuna ku maraso y’abantu bose’
20 Uburyo Paulo yari abayeho bwari butandukanye cane n’ubw’abo bantu bahavuye barondera kwungukira ku busho. Yarakora akazi kugira ngo aronke ikimubeshaho, ivyo akaba yabigira kugira ngo ntabere umuzigo ishengero. Paulo ntiyitwararika abakirisu bagenziwe abitumwe n’agatima ko kurondera inyungu ziwe bwite. Paulo yahimirije abakurambere b’i Efeso kugaragaza agatima ko kwitanga. Yababwiye ati: “Mutegerezwa gusahiriza abagoyagoya, kandi . . . mutegerezwa kwibuka ya majambo y’Umukama Yezu, igihe we ubwiwe yavuga ati: ‘Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.’”—Ivyak. 20:35.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ijambo rya Yehova “riguma rikura ryongera rinesha” naho rirwanywa
11 Paulo ashobora kuba yigishiriza muri iyo ngoro y’ishure ku musi ku musi nko kuva isaha 5 zo mu gitondo gushika nk’isaha 10 zo ku muhingamo. (Ivyak. 19:9) Bishoboka ko muri ayo masaha ari ho wasanga hatekanye cane kandi hashushe cane ku buryo abantu benshi baba bahagaritse imirimo yabo kugira ngo bivune umusase bongere baruhuke. Iyumvire nawe, Paulo iyo aza kuba yagiye arakurikiza neza urwo rutonde mu kiringo c’imyaka ibiri yuzuye, yobaye rero yamaze neza na neza amasaha arenga 3.000 ariko arigisha. Ico ni ikindi kintu rero catumye ijambo rya Yehova riguma rikura ryongera rinesha. Paulo yari umunyamwete akaba n’umuntu yahuza n’uko ibintu vyaba vyifashe. Yarahinduye urutonde rwiwe kugira ngo ubusuku yarangura bushike ku nyota abantu bo muri ako karere. Uti none ivyo vyavuyemwo iki? Bibiliya ivuga iti: “Ababa mu ntara ya Aziya bose bumva ijambo ry’Umukama, Abayuda n’Abagiriki.” (Ivyak. 19:10) Ese ukuntu Paulo yashinze intahe inogangije!
Ijambo rya Yehova “riguma rikura ryongera rinesha” naho rirwanywa
15 Ukwo kuba abo bahungu ba Seva baracishijwe bugufi kwatumye abantu bose bumva batinye Imana ku buryo benshi muri bo bacitse abemera maze baravavanura n’ubupfumu. Imico kama y’Abanyefeso yari yuzuyemwo ivy’amageza. Ibiheko n’imitongero vyari bimenyerewe cane, akenshi hakaba hariho n’ibitabu vyavuga ivyo bintu. Ico gihe, Abanyefeso benshi baravyuriwe umutima wo kuzana ibitabo vyabo vy’amageza maze babituririra imbere ya bose, naho nyene biboneka ko vyari biciye nk’amamiliyoni mirongo y’amarundi. Luka avuga ati: “Gutyo, mu buryo bukomeye, ijambo rya Yehova riguma rikura ryongera rinesha.” (Ivyak. 19:17-20) Ese ukuntu ukuri kwanesheje ikinyoma be n’amadayimoni bimwe bitangaje! Abo bantu b’ukwizera baradusigiye akarorero keza muri iki gihe. Na twebwe nyene turi mw’isi yuzuyemwo ivy’ubupfumu. Niba hari ikintu gifitaniye isano n’ivy’ubupfumu twoba dutunze, ese twobigenza nk’uko kw’abo Banyefeso, tukavavanura na co tudatebaganye! Nimuze tugume twitandukanije n’ivyo bintu bishisha, naho vyodusaba iki.