UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Barigishijwe na Yehova kurera abana babo
Ni ibiki abubatse bokwigira ku Muvyeyi wabo Yehova vyobafasha kurera abana babo mu buryo bwiza? Raba ividewo ivuga ngo Barigishijwe na Yehova kurera abana babo, muce mwishura ibi bibazo bijanye n’umuryango wa Abilio Amorim n’umugore wiwe Ulla:
Ivyo baciyemwo mu buto bwabo, vyabafashije gute kuba abavyeyi beza?
Ni ibintu vyiza ibihe abana babo bibuka igihe bari bakiri bato?
Abilio na Ulla bagerageje gute gukurikiza ibivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7?
Kubera iki batapfa gushingira abana babo amategeko?
Bafashije gute abana babo kwifatira ingingo nziza mu buzima?
Naho abo bavyeyi bagumye baremesha abana babo gukora umurimo w’igihe cose, ni ibiki ubwabo bemeye guheba? (bt 178 ing. 19)