ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr19 Ruhuhuma rup. 1-6
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2019
  • Udutwe
  • 4-10 RUHUHUMA
  • 11-17 RUHUHUMA
  • 18-24 RUHUHUMA
  • 25 RUHUHUMA–3 NTWARANTE
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2019
mwbr19 Ruhuhuma rup. 1-6

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

4-10 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAROMA 1-3

“Nugume umenyereza ijwi ryawe ryo mu mutima”

(Abaroma 2:14, 15)

lvs 18 ing. 6

Nugumane ijwi ryo mu mutima ryiza

6 N’abantu batazi Yehova akenshi usanga bazi gutandukanya iciza n’ikibi. Bibiliya ivuga iti: “Mu vyiyumviro vyabo bararegwa canke mbere bakaregurwa.” (Abaroma 2:14, 15) Nk’akarorero, abantu nka bose barazi ko kwica canke kwiba ari bibi. Ivyo babimenya kubera ijwi ryabo ryo mu mutima, ni ukuvuga bwa bushobozi bwo kumenya iciza n’ikibi Yehova yabashizemwo. Baba bariko bayoborwa n’ingingo ngenderwako z’Imana, ari kwo kuri kw’ishimikiro Yehova yaduhaye kugira kudufashe gufata ingingo nziza.

(Abaroma 2:15)

lvs 19-20 ing. 8-9

Nugumane ijwi ryo mu mutima ryiza

8 Hari abiyumvira ko kwumvira ijwi ryabo ryo mu mutima bisobanura gusa gukora ivyo umutima wabo ubabwiye. Biyumvira ko bashobora gukora ico bashaka cose, gikire gusa kuba kibaryohera. Ariko kubera yuko tudatunganye, ibituryohera vyose ntivyama ari vyiza. Turashobora gukunda ikintu cane ku buryo bigira ingaruka kw’ijwi ryacu ryo mu mutima. Bibiliya igira iti: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane. Ni nde yowumenya?” (Yeremiya 17:9) Twoshobora gutangura kwiyumvira ko ikintu kanaka ari ciza kandi ari kibi. Nk’akarorero, imbere y’uko Paulo aba umukirisu, yarahama bunyamaswa abasavyi b’Imana kandi yiyumvira ko ivyo yakora vyari vyiza. Ijwi ryiwe ryo mu mutima nta co ryamwagiriza. Ariko mu nyuma yavuze ati: “Uwunsuzuma ni Yehova.” (1 Abakorinto 4:4; Ivyakozwe 23:1; 2 Timoteyo 1:3) Aho Paulo amariye kumenya ukuntu Yehova yabona ivyo yariko arakora, yaratahuye ko akwiye kugira ivyo ahinduye. Imbere yo gufata ingingo, turakwiye rero kwibaza duti: ‘Yehova yoshima ko nkora iki?’

9 Iyo ukunda umuntu, ntiwipfuza gukora ikintu comubabaza. Kubera yuko dukunda Yehova, ntitwipfuza gukora ikintu comubabaza. Turakwiye gutinya cane kubabaza Yehova. Nehemiya ni akarorero keza muri ivyo. Naho yari buramatari, yaranse gukoresha ico giti kugira yirundanirize amatunga. Uti kubera iki? Yasiguye ko yabiretse “kubera ugutinya Imana.” (Nehemiya 5:15) Nehemiya ntiyashaka gukora ikintu na kimwe cobabaza Yehova. Na twebwe turirinda gukora ikintu kibi kubera dutinya kubabaza Yehova. Gusoma Bibiliya birashobora kudufasha kumenya ibihimbara Yehova.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 6.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Abaroma 3:4)

w08 15/6 30 ing. 5

Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Baroma

3:4. Igihe umuntu avuze amajambo ateye kubiri n’ivyo Imana ivuga mw’Ijambo ryayo, turareka “Imana [ikaboneka] ko ari iy’ukuri” mu kwizigira ivyo Bibiliya ivuga be no mu gukora mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba. Dukoranye umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, turashobora gufasha abandi kubona ko Imana ari iy’ukuri.

(Abaroma 3:24, 25)

w08 15/6 29 ing. 6

Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Baroma

3:24, 25​—“Incungu yarishwe na Kristu Yezu” ishobora gute gupfuka “ibicumuro vyabaye kera” imbere yuko irihwa? Ubuhanuzi bwa mbere bwerekeye Mesiya, uburi mw’⁠Itanguriro 3:15, bwarangutse mu 33 G.C. igihe Yezu yicirwa ku giti co gusinzikarizwako. (Gal. 3:13, 16) Ariko rero, igihe Yehova yavuga ubwo buhanuzi, ni nk’aho kuri we incungu yari irishwe, kubera ko ata kintu na kimwe gishobora kubuza imigambi yiwe kuranguka. Hishimikijwe rero incungu Yezu Kristu yatanze mu nyuma, Yehova yarashoboye guharira ibicumuro abakomotse kuri Adamu bari bizeye uwo muhango. Iyo ncungu kandi iratuma bishoboka ko abapfuye imbere y’ubukirisu bazuka.​—Ibik. 24:15.

11-17 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAROMA 4-6

“Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe”

(Abaroma 5:8)

(Abaroma 5:12)

w11 15/6 12 ing. 5

Imana irashimagiza urukundo rwayo kuri twebwe

5 Paulo yaravuze mu ncamake ico kintu, ahereye kuri uku kuri kugira guti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Rom. 5:12) Turashobora gutahura ico kintu kubera ko Imana yandikishije inkuru yerekana ukuntu ubuzima bw’abantu bwatanguye. Yehova yaremye abantu babiri ari bo Adamu na Eva. Kubera yuko Umuremyi atagira agasembwa, n’abo bantu ba mbere, ari bo ba sogokuruza bacu, ntibagira agasembwa. Imana yabahaye itegeko rimwe gusa maze ibamenyesha yuko kugambarara iryo tegeko vyotumye bacirwa urwo gupfa. (Ita. 2:17) Ariko rero, bahisemwo gukora mu buryo bubakwegera akarambaraye, bararenga itegeko ryumvikana Imana yari yarabahaye, baba berekanye yuko badashaka ko iba Umutanzi w’amategeko na Segaba.​—Gus. 32:4, 5.

(Abaroma 5:13, 14)

w11 15/6 12 ing. 6

Imana irashimagiza urukundo rwayo kuri twebwe

6 Aho Adamu amariye gucumura ni ho gusa yavyaye abana, bose abaraga igicumuro n’ingaruka zaco. Ego ni ko, ntibari bararenze itegeko ry’Imana nk’uko Adamu yari yararirenze, ari co gituma batagirwa n’ico gicumuro nyene; eka kandi nta rutonde rw’amategeko rwari bwatangwe. (Ita. 2:17) Naho ari ukwo, abakomoka kuri Adamu bararazwe igicumuro. Gutyo, igicumuro n’urupfu vyaraganje gushika igihe Imana yaha Abisirayeli urutonde rw’amategeko, runo rukaba rwarerekanye neza yuko bari abacumuzi. (Soma Abaroma 5:13, 14.) Ingaruka z’igicumuro twarazwe zoshobora kugereranywa n’indwara zimwezimwe twoshobora kuvukana tuzandukijwe n’abavyeyi bacu. Naho abana bo mu muryango munaka bavukana indwara bayandukijwe n’abavyeyi babo, vyoshobora gushika bamwebamwe muri bo ntibavukane iyo ndwara. Mugabo ukwo si ko biri ku bijanye n’igicumuro. Adamu yaraturaze igicumuro twese, ari co gituma dupfa twese. Twoba tuzokwigera tuva muri iyo ngorane tudashobora kwikiza?

(Abaroma 5:18)

(Abaroma 5:21)

w11 15/6 13 ing. 9-10

Imana irashimagiza urukundo rwayo kuri twebwe

9 None imvugo z’ikigiriki ngo “ukwitwa abagororotsi” na “bitwa abagororotsi” ziserura ikihe ciyumviro? Umuhinduzi umwe wa Bibiliya yanditse iki ciyumviro ati: “Ni imvugo y’ikigereranyo ijanye n’ivy’amategeko iserura iciyumviro c’ibintu bisa n’ibigirwa mu bijanye n’amategeko. Iravuga ibijanye n’ukuntu ivy’umuntu bihinduka mu vyerekeye Imana, atari ihinduka riba muri uwo muntu . . . Iyo mvugo y’ikigereranyo yerekana ko Imana imeze nk’umucamanza yafashe ingingo ku neza y’uwuriko aragirizwa, uno akaba ari nk’aho yari yazanywe imbere ya sentare y’Imana, yagirizwa ko yakoze ikintu kiranga ukutagororoka. Mugabo Imana ica yambika izera uwo yagirizwa.”

10 None “Umucamanza w’isi yose” agororotse yisunze iki kugira ngo yambike izera umuntu atagororotse? (Ita. 18:25) Mu gushiraho umushinge, Imana ibigiranye urukundo yararungitse kw’isi Umwana wayo w’ikinege. Yezu yarakoze ivyo Se wiwe agomba mu buryo butagira agahaze, naho yashikiwe n’ibigeragezo, agatyekezwa birenze urugero akongera akagirirwa nabi. Yaragumanye ugutungana kwiwe gushika aho apfira ku giti co kubabarizwako. (Heb. 2:10) Mu gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa, Yezu yaratanze incungu yari gushobora kubohora canke gucungura uruvyaro rwa Adamu ikarukiza igicumuro n’urupfu.​—Mat. 20:28; Rom. 5:6-8.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Abaroma 6:3-5)

w08 15/6 29 ing. 7

Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Baroma

6:3-5​—Kubatizwa muri Kristu Yezu no kubatizwa mu rupfu rwiwe bisobanura iki? Igihe Yehova arobanuje impwemu nyeranda abayoboke ba Kristu, barunga ubumwe na Yezu bakaba abagize ishengero, ni ukuvuga umubiri wa Kristu, na we akaba ari Umutwe waryo. (1 Kor. 12:12, 13, 27; Kol. 1:18) Ukwo ni kwo babatizwa muri Kristu Yezu. Abakirisu basizwe kandi ‘barabatizwa mu rupfu rwa Kristu’ mu buryo bw’uko babaho bitanga bagaheba icizigiro ico ari co cose co kubaho ibihe bidahera kw’isi. Ni co gituma urupfu rwabo ari urwo kwitanga, nka rumwe rwa Yezu, naho ata we rushobora gucungura. Ukwo kubatizwa mu rupfu rwa Kristu kurangira neza na neza igihe bapfuye maze bakazurirwa kuba mw’ijuru.

(Abaroma 6:7)

w14 1/6 11 ing. 1

Ni icizigiro ikihe dufise ku bijanye na ba sokuru bapfuye?

Abatari abagororotsi nibazurwa, boba bazocirwa urubanza hisunzwe ivyo bakoze kera? Eka data. Mu Baroma 6:7 havuga hati: “Uwupfuye aba akuweko igicumuro ciwe.” Abatari abagororotsi bazoba barishuye ibicumuro vyabo mu gupfa. Bazocirwa urubanza rero hisunzwe ivyo bazokora inyuma y’ukuzuka kwabo, aho kwisunga ivyo bakoze mu kutamenya imbere y’uko bapfa. None bizobafasha iki?

18-24 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAROMA 7-8

“Woba ‘uvyiteganye umushasharo’?”

(Abaroma 8:19)

w12 15/7 11 ing. 17

Nureke Yehova akujane ku mwidegemvyo nyakuri

17 Igihe Paulo yariko aravuga ibijanye n’umwidegemvyo Yehova abikiye abasavyi biwe bo kw’isi, yanditse ati: “Ivyaremwe vyiteze bibishashaye ihishurwa ry’abana b’Imana.” Yaciye yongerako ati: “Ivyaremwe na vyo bizogirwa ivyidegemvya [bive] mu buja bw’ukubora, [bigire] umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Rom. 8:19-21) Ivyo “vyaremwe” vyerekeza ku bantu bafise icizigiro co kuba kw’isi, bazokwungukira kw’“ihishurwa” ry’abana b’Imana barobanujwe impwemu. Iryo hishurwa rizotangura abo “bana,” abazurirwa kuba mu karere k’ibiremwa vy’impwemu, nibafatanya na Kristu mu gukura ikibi kw’isi no mu kuyobora “isinzi rinini” bakarishikana mw’isi nshasha.​—Ivyah. 7:9, 14.

(Abaroma 8:20)

w12 15/3 23 ing. 11

Tunezererwe icizigiro cacu

11 Yehova yarahaye abantu ‘ishimikiro ry’icizigiro’ igihe yasezerana kuzobakiza “ya nzoka yo mu ntango,” ari yo Shetani wa Mubesheranyi, biciye kuri rwa “ruvyaro” rwasezeranwa. (Ivyah. 12:9; Ita. 3:15) Yezu Kristu ni we yari igihimba nyamukuru c’urwo “ruvyaro.” (Gal. 3:16) Urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe vyaratumye bishoboka ko abantu bagira icizigiro c’uko bazokurwa mu buja bw’igicumuro n’urupfu. Iranguka ry’ico cizigiro rirafitaniye isano n’“ihishurwa ry’abana b’Imana.” Abarobanuwe bamaze kuninahazwa ni bo bagize igihimba c’inyongera c’urwo “ruvyaro.” ‘Bazohishurwa’ igihe bazofatanya na Kristu mu gutikiza isi mbi ya Shetani. (Ivyah. 2:26, 27) Ivyo bizotuma abagize izindi ntama bazoba bavuye muri ya makuba akomeye baronka ubukiriro.​—Ivyah. 7:9, 10, 14.

(Abaroma 8:21)

w12 15/3 23 ing. 12

Tunezererwe icizigiro cacu

12 Ese ukuntu “ivyaremwe,” ari bo bantu, bizoruhurirwa mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi! Ico gihe, “abana b’Imana” bazoba bamaze kuninahazwa ‘bazohishurwa’ mu bundi buryo nibaba abaherezi hamwe na Kristu, bakaronsa abantu ivyiza vy’inkuka y’incungu ya Yezu. Kubera ko “ivyaremwe,” ni ukuvuga abantu, bizoba biyoborwa n’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, bizotangura gukurwako ingaruka z’igicumuro n’urupfu. Abantu bagamburuka bazogenda ‘baragirwa abidegemvya bave mu buja bw’ukubora.’ Nibaguma ari abizigirwa kuri Yehova muri iyo myaka igihumbi no muri ca kigeragezo ca nyuma kizoshika iyo myaka irangiye, amazina yabo azokwandikwa mu “muzingo w’ubuzima” ubutagihanagurwa. Bazokwinjira mu “mwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Ivyah. 20:7, 8, 11, 12) Emwe, ico ni icizigiro kininahaye!

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Abaroma 8:6)

w17.06 3

Woba uvyibuka?

“Kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri” bitandukaniye he no “kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu”? (Rom. 8:6)

Uwugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri yibanda ku vyipfuzo vy’umubiri udatunganye, akaguma avuga yongera ahayagiza ibintu ivy’umubiri. Uwugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu wewe ashira imbere ivy’Imana be n’ivyiyumviro vyayo. Umukirisu nk’uwo aba aganzwa n’impwemu nyeranda. Ivy’umubiri bivamwo urupfu ivy’impwemu na vyo bikavamwo ubuzima n’amahoro.​—w16.12, rup. 15-17.

(Abaroma 8:26, 27)

w09 15/11 7 ing. 20

Amasengesho utura ahishura iki ku bikwerekeye?

20 Vyoshobora gushika ntitumenye ivyo twoshira mu masengesho dutura turi twenyene. Paulo yanditse ati: “Ingorane [ni] uko ico dukwiye gusaba Imana igihe tubikeneye [tuba] tutakizi, mugabo impwemu [nyeranda] ubwayo iratakamba ku bwacu mu miniho itavuzwe. Yamara [Imana i]sesangura imitima [i]razi ico impwemu ishaka kuvuga.” (Rom. 8:26, 27) Yehova yaratumye amasengesho menshi ashirwa mu Vyanditswe. Aremera ko ibintu abasavyi biwe ba kera bamusavye bahumekewe biba nk’aho ari vyo tumusavye maze akabishitsa. Imana iratuzi kandi ivyo yatumye impwemu yayo ivuga ibicishije ku banditsi ba Bibiliya irazi ico bisobanura. Yehova arishura ugutakamba kwacu igihe impwemu ‘idutakambira,’ ari kwo kuduserukira. Ariko, uko turushiriza kumenya neza ibiri mw’Ijambo ry’Imana, ivyo dukwiye gusaba vyoshobora guca vyizana mu bwenge bitagoranye.

25 RUHUHUMA–3 NTWARANTE

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAROMA 9-11

“Ikigereranyo c’igiti c’umwelayo”

(Abaroma 11:16)

w11 15/5 23 ing. 13

‘Ewe bwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana!’

13 Intumwa Paulo arabandanya kugereranya abacika abo mu ruvyaro rwa Aburahamu n’amashami ari ku giti c’umwelayo c’ikigereranyo. (Rom. 11:21) Ico giti c’umwelayo c’igiterano kigereranya iranguka ry’intumbero Imana ifise mu bijanye na rya sezerano yagiranye na Aburahamu. Umuzi w’ico giti ni mweranda ukaba ugereranya yuko Yehova ari we aha ubuzima Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. (Yes. 10:20; Rom. 11:16) Umutumba waco ugereranya yuko Yezu ari we gihimba nyamukuru c’uruvyaro rwa Aburahamu. Amashami afatiwe hamwe agereranya “igitigiri cuzuye” c’abagize igihimba c’inyongera c’uruvyaro rwa Aburahamu.

(Abaroma 11:17)

(Abaroma 11:20, 21)

w11 15/5 24 ing. 15

‘Ewe bwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana!’

15 None Yehova yakoze iki kugira ngo ashitse intumbero yiwe? Paulo asigura yuko amashami yo ku giti c’umwelayo w’umunyeshamba yometswe ku giti c’umwelayo c’igiterano kugira ngo asubirire ayahanyuwe. (Soma Abaroma 11:17, 18.) Ku bw’ivyo, abakirisu barobanujwe impwemu bo mu mahanga, nka bamwebamwe mu bari mw’ishengero ry’i Roma, barometswe mu buryo bw’ikigereranyo kuri ico giti c’umwelayo c’ikigereranyo. Muri ubwo buryo barabaye abo mu bagize uruvyaro rwa Aburahamu. Mu ntango, bari bameze nk’amashami y’umwelayo w’umunyeshamba, bakaba ata karyo bari bafise ko kuba muri iryo sezerano ridasanzwe. Mugabo Yehova yarabaronkeje akaryo ko kuba Abayuda bo mu buryo bw’impwemu.​—Rom. 2:28, 29.

(Abaroma 11:25, 26)

w11 15/5 25 ing. 19

‘Ewe bwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana!’

19 Egome, intumbero Yehova afise mu bijanye na “Isirayeli y’Imana” ariko arayishitsa mu buryo bw’akaroruhore. (Gal. 6:16) Nk’uko Paulo yabivuze, “Isirayeli yose izokizwa.” (Rom. 11:26) Igihe Yehova yashinze kigeze, “Isirayeli yose,” ni ukuvuga igitigiri cuzuye c’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu, bazoba abami n’abaherezi mw’ijuru. Nta kintu na kimwe gishobora gutuma intumbero ya Yehova itaranguka!

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Abaroma 9:21-23)

w13 15/6 25 ing. 5

Tureke indero Yehova adutoza itubumbabumbe

5 Bite ho mu gihe abantu banse n’akagagazo kubumbabumbwa na wa Mubumvyi Ahambaye? None aca akoresha gute ububasha bwiwe? Iyumvire ibishikira ibumba igihe ridashoboye gukorwamwo ico ryateguriwe. Umubumvyi arashobora kurihinguramwo ubundi bwoko bw’icombo canke akarita. Ariko rero, igihe iryo bumva ridashoboye gukoreshwa, ahanini uwo mubumvyi ni we aba ari mw’ikosa. Ivyo ntivyigera bimera gutyo ku bijanye na wa Mubumvyi wacu. (Gus. 32:4) Igihe umuntu atemeye ko Yehova amubumbabumba, ikosa ryama ari iry’uwo muntu. Yehova akoresha ububasha afise ku bantu, nk’ubwo umubumvyi afise kw’ibumba, mu guhindura ingene abafata bivanye n’ukuntu bavyakiriye igihe ababumbabumba. Abavyakira neza barabumbabumbwa mu buryo ngirakamaro. Nk’akarorero, abakirisu barobanuwe ni “ivyombo vy’imbabazi” vyabumbabumbwemwo ‘ivyombo bikoreshwa ibiteye iteka.’ Ariko rero, abarwanya Imana n’akagagazo bahingurwamwo “ivyombo vy’uburake vyagizwe ibibereye gutikizwa.”​—Rom. 9:19-23.

(Abaroma 10:2)

it-1 1234 ing. 6

Umunyeshari, ishari

Umwete utabereye. Hari umuntu ashobora kuba afitiye umwete igikorwa kanaka canke agifitiye ishari, ariko ugasanga ntariko akora ibibereye kandi ariko ababaza Imana. Ukwo ni ko vyari biri ku Bayuda benshi bo mu kinjana ca mbere. Bipfuza gushitsa ubugororotsi biciye ku vyo bakora bisunze Itegeko rya Musa. Ariko Paulo yarerekanye ko uwo mwete wari impfagusa kuko batari bafise ubumenyi butagira amakosa. Ni co gituma bataronse ubugororotsi nyakuri buva ku Mana. Kugira baburonke bongere bakurweko urubanza rw’Itegeko, bategerezwa kwemera amakosa yabo bakagaruka ku Mana biciye kuri Kristu. (Rm 10:1-10) Na Sauli w’i Taruso, uwahavuye acika intumwa Paulo, ni ko yari ameze. Yari afise umwete urenze mw’idini ry’Abayuda ku buryo ‘yahama ishengero ry’Imana akongera akaritikiza.’ Yakurikiza Itegeko adaca ku ruhande ku buryo ‘yabonwa nk’uwutagira umugayo.’ (Gl 1:13, 14; Fp 3:6) Yamara iryo shari, canke umwete, yari afitiye idini ry’Abayuda ntiryari ribereye. Yehova yarabonye ko yabikora mu kutamenya, akaba ari co gituma yamugaragarije ubuntu ata wari abukwiriye biciye kuri Kristu, akamuzana mu gusenga kw’ukuri.​—1Tm 1:12, 13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika