UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAKORINTO 4-6
“Ntiduheba”
Ihe ishusho imiryango ibiri iba mu nyubakwa imwe ishaje kandi imeze nabi. Umuryango umwe urihebuye cane. Ariko igitangaje uwundi muryango uranezerewe. Ubwo budasa buva ku ki? Uwo muryango ugira kabiri vuba uzokwimukira mu yindi nzu nziza cane.
Naho “ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu,” abasavyi b’Imana bobo barafise icizigiro kibaremesha. (Rm 8:22) Turazi ko amakuba turimwo muri iki gihe, mbere n’ayamaze imyaka mirongo aduhanze, ari “ay’akanya gato kandi ahwahutse” tuyagereranije n’ubuzima budahera tuzoronka mw’isi nshasha y’Imana. Kugumiza umutima ku mihezagiro Ubwami buzozana bituma duhimbarwa kandi ntidutane n’akabando.