Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
3-9 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAGALATIYA 4-6
“‘Inkuru y’ikigereranyo’ idufitiye akamaro”
it-1 56 ing. 1
Hagari
Twisunze ivyo intumwa Paulo yavuze, Hagari avugwa muri iyo nkuru yagereranya ihanga rya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, iryegukiye Yehova biciye kw’isezerano ry’Itegeko ryatangujwe ku Musozi Sinayi. Iryo sezerano ryavyaye “abana b’ubushumba.” Kubera ko abari bagize iryo hanga bari abanyagasembwa, barananiwe gukurikiza ivyasabwa n’iryo tegeko. Bakigengwa na ryo, ntibigeze bidegemvya ahubwo ryarabatsindisha mu kubereka ko ari abacumuzi bakwiriye gupfa. Ni muri ubwo buryo rero bari abashumba. (Yoh 8:34; Rm 8:1-3) Yeruzalemu yo mu gihe ca Paulo yagereranya Hagari, kuko uwo mugwa mukuru waserukira ihanga rya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri wajanywe mu bushumba be n’abana bawo. Abakirisu barobanuwe bobo ni abana ba “Yeruzalemu yo hejuru,” ni ukuvuga umugore w’Imana w’ikigereranyo. Cokimwe na Sara wa mugore yidegemvya, iyo Yeruzalemu ntiyigeze ija mu bushumba. Mugabo nka kumwe nyene Izahaki yatotejwe na Ishimayeli, abana ba “Yeruzalemu yo hejuru” na bo nyene, abagizwe abidegemvya biciye ku Mwana, baratotejwe n’abana ba Yeruzalemu y’ubushumba. Hagari n’umuhungu wiwe bahavuye birukanwa, ivyo bikaba vyagereranya ingene Yehova yahavuye ashibura ihanga rya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri.—Gl 4:21-31; raba kandi Yoh 8:31-40.
Niwizere Ubwami utanyiganyiga
11 Iryo sezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ryararangutse mu buryo bw’umubiri igihe uruvyaro rwa Aburahamu rwatorana ca Gihugu c’isezerano. Ariko rero, Ivyanditswe birerekana yuko iryo sezerano ryorangutse no mu buryo bw’impwemu. (Gal. 4:22-25) Nk’uko intumwa Paulo yabisiguye ahumekewe n’Imana, mw’iranguka rihambaye ry’iryo sezerano, igihimba nyamukuru c’uruvyaro rwa Aburahamu ni Kristu. Igihimba c’inyongera na co ni abakirisu 144.000 barobanujwe impwemu. (Gal. 3:16, 29; Ivyah. 5:9, 10; 14:1, 4) Umugore yibaruka urwo ruvyaro si uwundi atari “Yeruzalemu yo hejuru,” ni ukuvuga igice co mw’ijuru c’ishirahamwe ry’Imana, ikigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka. (Gal. 4:26, 31) Nk’uko biri muri rya sezerano Imana yagiranira na Aburahamu, uruvyaro rw’uwo mugore rwotumye abantu bironkera imihezagiro.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Woba wari ubizi?
Ni kubera iki Yezu mw’isengesho yatuye Yehova yakoresheje imvugo ngo “Abba, Data”?
Ijambo ry’igiharameya ʼab·baʼʹ rishobora gusobanura ngo “data” canke ngo “Ewe Data.” Muri kimwekimwe cose mu bibanza bitatu iyo mvugo ibonekamwo mu Vyanditswe, usanga ikoreshwa mw’isengesho kandi yerekeza kuri Data wo mw’ijuru Yehova. None iryo jambo ritekeye insobanuro iyihe?
Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga giti: “Mu mvugo ya misi yose yakoreshwa mu gihe ca Yezu, ijambo ʼabbāʼ ryakoreshwa canecane nk’imvugo yerekana ubucuti bwa hafi abana baba bafitaniye na ba se be n’icubahiro baba babafitiye.” Bwari uburyo burimwo igishika umwana yakoresha mu kwitura se, kandi ryari mu majambo ya mbere umwana yatangura kwiga kuvuga. Yezu yakoresheje iyo mvugo mw’isengesho yatuye Se wiwe amutakambira bimwe bidasanzwe. Mw’itongo ry’i Getsemani, hasigaye amasaha makeyi gusa ngo Yezu yicwe, yaratuye isengesho Yehova avuga ngo “Abba, Data.”—Mariko 14:36.
Ca gitabu twavuga aho haruguru kibandanya kigira giti: “Ijambo ʼAbbāʼ rikoreshejwe nk’uburyo bwo kwitura Imana, ntirimenyerewe na gato mu vyandikano vy’Abayuda vyo mu gihe c’Abagiriki n’Abaroma, ata gukeka bikaba ari kubera yuko kwitura Imana muri iyo mvugo yerekana ko ari umugenzi wa hafi kwobaye ari ukutayubaha.” Ariko rero, ico gitabu gica congerako giti: “Kuba Yezu . . . yarakoresheje iyo mvugo mw’isengesho ni uburyo butadomako bwo gushimangira ivyo yavuga mu kwerekana ko afitaniye n’Imana ubucuti bwa hafi cane.” Ahandi hantu habiri mu Vyanditswe dusanga iryo jambo “Abba,” hompi hakaba ari mu vyo intumwa Paulo yanditse, herekana ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo nyene barikoresha mu masengesho batura.—Abaroma 8:15; Abagalatiya 4:6.
Woba wari ubizi?
Ni ibiki intumwa Paulo yariko yerekezako igihe yavuga ko ku mubiri wiwe yari afise “imyotso y’umushumba wa Yezu”?—Abagalatiya 6:17.
▪ Ayo majambo Paulo yavuze, abayasoma mu kinjana ca mbere bashobora kuba barayatahuye mu buryo butandukanye yoshobora gutahurwamwo. Nk’akarorero, icuma carunguriye carakoreshwa mu bihe vya kera mu gushira ikimenyetso ku mubiri w’imbohe zafashwe mu ntambara, ku basahura ivyo mu nsengero no ku bashumba batorotse. Igihe ico kimenyetso c’umwotso gishizwe ku muntu muri ubwo buryo, cabonwa ko ari agatetereza.
Ariko rero, hari igihe imyotso wasanga itabonwa nabi. Abantu benshi ba kera barayikoresha mu kwerekana ko ari abo mu muryango canke mw’idini kanaka. Nk’akarorero, twisunze ibivugwa n’inyizamvugo imwe (Theological Dictionary of the New Testament), “Abasiriya barihebera imana Hadadi na Atarigati mu gushirwako ibimenyetso vy’umwotso ku gikonjo canke ku gikanu . . . Uwihebeye imana Diyonisi yashirwako ikimenyetso c’umwotso gifise ishusho y’ibabi ry’icatsi citwa ingurukizi.”
Abasobanuzi benshi b’ivya Bibiliya bo muri iki gihe biyumvira yuko Paulo yariko yerekeza ku bihe bitandukanye yagiriwe nabi ku mubiri mu gikorwa yarangura ari umumisiyonari w’umukirisu. (2 Abakorinto 11:23-27) Ariko Paulo ashobora kuba atashaka kuvuga ibimenyetso yari afise ku mubiri, ahubwo akaba yashaka kuvuga ko uburyo yari abayeho bwari nk’ikimenyetso cerekana ko ari umukirisu.
10-16 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABANYEFESO 1-3
“Ubuyobozi bwa Yehova be n’ivyo bukora”
it-2 858 ing. 2
Ibanga ryeranda
Ubwami bwa Mesiya. Mu vyo Paulo yanditse, aradufasha kubona muri rusangi ingene ibanga ryeranda ryerekeye Kristu ryahishuwe. Mu Banyefeso 1:9-11 aravuga ingene Imana yahishuye “rya banga ryeranda” ry’ukugomba kwayo. Avuga ati: “Rirahuye n’ibiyihimbara, ivyo yiyemeje muri yo ubwayo, kugira ngo habe ubuyobozi ibihe vyashinzwe bimaze gukwira, ni ukuvuga ukwongera gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi. Egome, muri we, mu bumwe na we tukaba kandi twatorewe kuba ba samuragwa, kuko twagenywe imbere y’igihe hisunzwe intumbero y’umwe akora vyose nk’uko ukugomba kwiwe guhanura.” Iryo “banga ryeranda” ryerekeye intwaro, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya. “Ivyo mw’ijuru” Paulo avuga ni abazoraganwa na Kristu Ubwami bwo mw’ijuru. “Ivyo kw’isi” na vyo ni abazotwarwa n’ubwo Bwami bari ng’aha kw’isi. Yezu yareretse abigishwa biwe ko ibanga ryeranda rifitaniye isano n’Ubwami igihe yababwira ati: “Mwebwe mwarahawe kumenya ibanga ryeranda ry’ubwami bw’Imana.”—Mr 4:11.
Yehova arakoraniriza hamwe umuryango wiwe
3 Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Yehova Imana yacu ni Yehova umwe.” (Gus. 6:4) Ivyo Yehova akora birahuza n’umugambi wiwe. Gutyo, “ibihe vyashinzwe bimaze gukwira,” Imana yarashizeho “ubuyobozi,” ni ukuvuga intunganyo yotumye ibiremwa vyiwe vyose bifise ubwenge vyunga ubumwe. (Soma Abanyefeso 1:8-10.) Ubwo buyobozi buzoshitsa intumbero yabwo mu bice bibiri. Igice ca mbere gitegura ishengero ry’abarobanuwe kugira ngo bazobe mw’ijuru bayobowe na Yezu Kristu. Ico gice catanguye kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., igihe Yehova yatangura gukoraniriza hamwe abofadikanije na Kristu kuganza mw’ijuru. (Ivyak. 2:1-4) Kubera ko abarobanuwe biswe abagororotsi ku bw’ubuzima hishimikijwe inkuka y’incungu ya Kristu, bariyemerera yuko bagizwe “abana b’Imana.”—Rom. 3:23, 24; 5:1; 8:15-17.
4 Igice kigira kabiri gitegura abazoba mw’Iparadizo kw’isi bayobowe n’Ubwami bwa Kristu Mesiya. Iryo “sinzi rinini” rigize igice ca mbere c’uwo mugwi. (Ivyah. 7:9, 13-17; 21:1-5) Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, abandi bantu amamiliyaridi bazoba bazutse bazobiyungako. (Ivyah. 20:12, 13) Iyumvire ukuntu izuka rizotuma turonka utundi turyo two kwerekana ubumwe dufitaniye! Ya myaka igihumbi irangiye, “ivyo kw’isi” bizogeragezwa ubwa nyuma. Abazoguma ari abizigirwa bazogirwa “abana b’Imana” bo kw’isi.—Rom. 8:21; Ivyah. 20:7, 8.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ntihagire ikikubuza gucakira ubuninahazwa
15 Ukwumira kw’ibanga kwacu mu bijanye no gukora ukugomba kwa Yehova kurafasha abandi gucakira ubuninahazwa. Paulo yandikiye ishengero ry’i Efeso ati: “Ndabasaba kudateshwa ngo mute bitumwe n’aya makuba ndimwo ku bwanyu, kuko aya asobanura ubuninahazwa kuri mwebwe.” (Ef. 3:13) Ni mu buryo ubuhe amakuba Paulo yarimwo ‘yasobanura ubuninahazwa’ ku Banyefeso? Kuba Paulo yari yiteguriye kubandanya kubasukurira naho yashikirwa n’ibigeragezo, vyareretse Abanyefeso yuko uduteka bari bafise ari abakirisu twari duhambaye cane kandi dufise agaciro ntangere. Iyo Paulo ateshwa agata mu makuba, ivyo none ntivyari kwerekana yuko ubucuti bari bafitaniye na Yehova, ubusuku barangura be n’icizigiro bari bafise ata gaciro vyari bifise? Ukwihangana kwa Paulo kwarashize hejuru ubukirisu kwongera kurerekana yuko igikorwa co guhindura abantu abigishwa kibereye kwiheberwa.
‘Kumenya Urukundo rwa Kirisitu’
21 Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “kumenya” risigura kumenya “mu buryo buboneka, biciye mu bikorwa.” Iyo tugaragaje urukundo nk’uko Yezu yarugaragaje, tukitanga tutiziganya ku neza y’abandi, tukitwararika kubaronsa ivyo bakeneye tubigiranye imbabazi, tukabaharira tubikuye ku mutima, ni ho dushobora gutahura vy’ukuri inyiyumvo ziwe. Muri ubwo buryo, biciye mu bikorwa turashobora gushika ku “[k]umeny[a] urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa.” Nimuze kandi ntitwibagire yuko uko turushiriza kumera nka Kirisitu, ari ko turushiriza kwiyegereza uwo Yezu yiganye ata kwihenda, uwo na we akaba ari ya Mana yacu y’inyarukundo, Yehova.
17-23 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABANYEFESO 4-6
“Mwambare umwambaro ukwiye w ’ibirwanisho biva ku Mana”
Yemwe bakiri bato, nimurwanye Shetani mushikamye
INTUMWA Paulo yagereranije ubuzima bw’umukirisu n’ubw’umusoda ahanganye n’umwansi. Ariko ntiwumve, intambara turwana si iy’umubiri, ni iy’impwemu. Yamara rero, abansi bacu barabaho koko. Shetani n’amadayimoni ni abarwanyi karuhariwe kandi babifisemwo uburambe. Ukivyumva, vyoshobora kugutera ubwoba. Abakiri bato ni bo basa n’ababangamirwa cane. None botsinda gute ivyo binyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha biturengeye? Abakiri bato barashobora gutsinda, kandi n’ubu bariko baratahukana intsinzi! Uti kubera iki? Kubera “[babandanya] kwironsa ububasha mu Mukama.” Vyongeye, barazikenyeye ku bw’urugamba. Cokimwe n’abasoda bamenyerejwe, “[barambaye] umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana.”—Soma Abanyefeso 6:10-12.
Yemwe bakiri bato, nimurwanye Shetani mushikamye
4 Ukuri twiga mw’ijambo ry’Imana na kwo nyene kuradukingira ingeramizi zo mu vy’impwemu ziva ku nyigisho z’idini ry’ikinyoma. (Yoh. 8:31, 32; 1 Yoh. 4:1) Vyongeye, uko turushiriza gukunda ukuri kw’Imana, ni ko bitworohera kwambara “igikingirizo c’igikiriza,” ni ukuvuga kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana. (Zab. 111:7, 8; 1 Yoh. 5:3) Ikindi na co, igihe dutahura neza ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, duca duhagarara dushikamye tukariburanira imbere y’abarirwanya.—1 Pet. 3:15.
7 Mbega ingene kigereranya neza ukuntu ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova zikingira umutima wacu w’ikigereranyo! (Imig. 4:23) Umusoda ntiyashobora gufata ico gikingirizo c’icuma ngo agikabe ikindi kidakomeye. Na twebwe nyene ntitworota dufata ingingo ngenderwako za Yehova ngo tuzisubirize ivyo ubwacu tubona ko bigororotse. Twisunze ubwenge bwacu buri n’agahaze ntitwoshobora gukingira umutima wacu. (Imig. 3:5, 6) Ahubwo nyabuna, tuguma dusuzuma ko ivyuma vy’ikigereranyo Yehova yaduhaye bifashe neza ku mutima wacu.
10 Izo nkweto z’umusoda w’Umuroma zamufasha kuja ku rugamba. Inkweto z’ikigereranyo abakirisu bambara zozo zibafasha gushikiriza ubutumwa bw’amahoro. (Yes. 52:7; Rom. 10:15) Ariko ntiwumve, bisaba umutima rugabo kugira uvuge igihe uronse akaryo. Uwitwa Roberto w’imyaka 20 avuga ati: “Vyarantera ubwoba kubwira inkuru nziza abo twigana. Narabura aho nobihera. Iyo nsubije amaso inyuma, sinumva icatuma ngira ubwoba. Ubu ndahimbarwa no kubwira inkuru nziza abo mu runganwe.”
Yemwe bakiri bato, nimurwanye Shetani mushikamye
13 “Imyampi . . . yaka umuriro” imwimwe Shetani ashobora kukurasa ni ibinyoma ku bijanye na Yehova, yuko ngo atakubabaye kandi ko adashobora kugukunda. Uwitwa Ida w’imyaka 19 birashika akumva umenga nta co amaze. Avuga ati: “Birashika kenshi nkabona umenga Yehova ntari hafi yanje kandi ko adashaka kumbera umugenzi.” None aca avyifatamwo gute? Avuga ati: “Amakoraniro arakomeza cane ukwizera kwanje. Narigeze kuba ngenda nkiyicarira sinkureko umunwa, kuko nibwira ko ata wari akeneye kwumva ivyo mvuga. Ariko ubu, ndategura amakoraniro kandi nkishura kabiri canke gatatu. Naho bitoroshe, iyo ndabigize ndaryoherwa cane. Vyongeye, abavukanyi barandemesha rwose. Nama mva ku makoraniro najijutse ko Yehova ankunda.”
16 Kurya nyene inkofero yakingira ubwonko bw’umusoda, “icizigiro c’ubukiriro” dufise kirakingira ubwenge bwacu, ari bwo bushobozi bwacu bwo kwiyumvira. (1 Tes. 5:8; Imig. 3:21) Icizigiro kiratuma tugumiza umutima ku mihango y’Imana, bigaca bidufasha kubona ingorane mu buryo bwiza. (Zab. 27:1, 14; Ivyak. 24:15) Ariko kugira iyo “nkofero” yacu itugirire akamaro, dutegerezwa kuyambara, aho kuyitwara mu ntoke.
20 Paulo avuga ko Ijambo ry’Imana ari nk’inkota Yehova yaduhaye. Ariko dutegerezwa kwiga kuyikoresha neza igihe tuburanira ivyo twemera canke igihe tubogora ivyiyumviro vyacu. (2 Kor. 10:4, 5; 2 Tim. 2:15) None woryohora gute ubuhanga bwawe? Uwitwa Sebastian w’imyaka 21 avuga ati: “Ndandika umurongo umwe mba nkuye muri buri kigabane nsoma muri Bibiliya. Nca nshira hamwe iyo mirongo inkora ku mutima. Gutyo, ndarushiriza guhuza ivyiyumviro vyanje n’ivya Yehova.” Umwe Daniel twavuga, na we agira ati: “Igihe nsoma Bibiliya, ndacagura imirongo mbona ko ishobora gufasha abantu duhura mu ndimiro. Nasanze bavyakira neza igihe babonye ko wiyumvamwo Bibiliya be n’uko ukora uko ushoboye kugira ubafashe.”
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 859-860 ing. 7
Ubweranda
Impwemu nyeranda. Ni inguvu Yehova akoresha. Ni we ayobora ukuntu ikora kandi yama ikora ihuza n’umugambi wiwe. Iyo mpwemu iratyoroye, ni nyeranda kandi Imana iyikoresha ibikorwa bihambaye. Ni co gituma yitwa “impwemu nyeranda” canke “impwemu y’ubweranda.” (Zb 51:11; Lk 11:13; Rm 1:4; Ef 1:13) Impwemu nyeranda iraronsa umuntu inguvu zo gukora ibintu vyeranda kandi bidahumanye. Iyo uwo muntu akoze ikintu gihumanye canke kitabereye, aba ariko ararwanya canke ‘atuntuza’ iyo mpwemu. (Ef 4:30) Naho impwemu nyeranda atari umuntu, Imana irayikoresha mu buryo buhuye na kamere zayo. Igihe rero dukoze ibinyuranye n’ivyo Imana igomba, tuba ‘dutuntuje’ iyo mpwemu. Iyo umuntu aguma akora ikibi, birashobora “[kuzimya] umuriro w’impwemu.” (1Ts 5:19) Igihe abandanije iyo ngeso, ni nk’aho aba ariko ‘arababaza’ impwemu nyeranda y’Imana, kandi ivyo vyotuma Imana ihinduka umwansi w’uyo mugarariji. (Yes 63:10) Umuntu atuntuza impwemu nyeranda arashobora gushika n’aho ayirogotako, ico kikaba ari icaha Yezu Kristu yavuze ko kitazobabarirwa haba muri iki gihe canke mu kizoza.—Mt 12:31, 32; Mr 3:28-30.
it-1 237 ing. 9
Umunoho
Ubonekera mu bikorwa. Umunoho ugaragarira mu bikorwa umuntu akora vyerekana ko afise icipfuzo kibi kirenze urugero. Yakobo, umwe mu banditse Bibiliya, avuga ko icipfuzo kibi iyo gitwaye inda kivyara igicumuro. (Yak 1:14, 15) Umunyamunoho rero abonekera mu vyo akora. Intumwa Paulo avuga ko kuba umunyamunoho ari cokimwe no gusenga ibigirwamana. (Ef 5:5) Bivuye kuri uwo munoho, ikintu yipfuza kiraheba kigacika nk’imana yiwe, agasigara agishira imbere y’umurimo arangurira Imana be n’ukuyisenga.—Rm 1:24, 25.
24-30 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAFILIPI 1-4
“Ntimwiganyire ku kintu na kimwe”
‘Amahoro y’Imana ararengeye ukwiyumvira kwose’
10 Ni igiki none codufasha kutiganyira bireze ahubwo nyabuna tukagira “amahoro y’Imana”? Ivyo Paulo yandikiye Abafilipi biratwereka ko umuti w’amaganya ari isengesho. Igihe cose rero turi mu maganya, turakwiye gusenga Imana. (Soma 1 Petero 5:6, 7.) Nusenge Yehova wizigiye udakeka ko akwitwararika. ‘Numukengurukire’ no ku vyiza yama akugirira. Kuguma twibuka ko ashobora “gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira,” bizotuma turushiriza kumwizigira.—Ef. 3:20.
‘Amahoro y’Imana ararengeye ukwiyumvira kwose’
7 Igihe abavukanyi b’i Filipi basoma ikete Paulo yabandikiye, nta gukeka ko baciye bibuka ivyari vyaramushikiye be n’ingene ata n’umwe muri bo yari yiteze ko Yehova akora ibiraho. None Paulo yashaka kubigisha iki? Yashaka kubigisha ko badakwiye kwiganyira be n’uko basenze, bazoronka amahoro y’Imana. Urabona kandi ko yavuze yuko “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” None ivyo bisobanura iki? Bibiliya zimwezimwe zihahindura ngo amahoro y’Imana “asiga ubwenge bwose” canke “arengeye ivyo umuntu yotegekanya vyose.” Ni nk’aho Paulo yariko ababwira ko “amahoro y’Imana” atangaje kuruta uko bovyiyumvira. Naho rero vyoshika twebwe abantu ntitubone ingene twova mu ngorane zitwugarije, Yehova wewe aba abibona, kandi arashobora gukora ivyo tutaba twiteze.—Soma 2 Petero 2:9.
‘Amahoro y’Imana ararengeye ukwiyumvira kwose’
16 None iyo turonse ayo “mahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose,” bica bigenda gute? Ivyanditswe bivuga ko nya mahoro ‘aca arinda imitima yacu n’ububasha bwacu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.’ (Flp. 4:7) Ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ngo ‘kurinda’, ryakoreshwa mu mvugo ya gisirikare. Ryerekeza ku kirindiro c’abasoda cari gishinzwe kurinda igisagara gikingijwe ibihome. Ni ko vyari bimeze mu gisagara ca Filipi. Abantu b’i Filipi baryama ata co binona, kuko bari bazi ko ku marembo y’igisagara cabo hari ikirindiro c’abasoda. Muri ubwo buryo nyene, iyo turonse “amahoro y’Imana,” imitima be n’imizirikanyi yacu iguma itekanye. Tuba tuzi ko Yehova atwitwararika kandi ko atwipfuriza ineza. (1 Pet. 5:10) Kubimenya biratuma tutarengerwa n’amaganya canke ngo twihebure birenze.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 850 ing. 1
Amashikanwa
Amashikanwa y’ikinyobwa. Abisirayeli bamaze kwinjira mu Gihugu c’isezerano, amashikanwa atari make batanga, yaherekezwa n’amashikanwa y’ikinyobwa. (Gh 15:2, 5, 8-10) Ishikanwa ry’ikinyobwa waba ari umuvinyu (“inzoga iboreza”) kandi ryasukwa ku gicaniro. (Gh 28:7, 14; gereranya na Kv 30:9; Gh 15:10.) Intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Filipi ati: “Naho nyene ndiko ndasukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi no ku gikorwa gikorerwa abantu ari na vyo ukwizera kwabashikanyeko, ndahimbawe.” Muri uyo murongo, Paulo yakoresheje ikigereranyo c’ishikanwa ry’ikinyobwa kugira yerekane icipfuzo yari afise co kwitanga cane ku bw’abakirisu bagenziwe. (Fp 2:17) Imbere gatoyi y’uko apfa, yandikiye Timoteyo ati: “Ubu ndiko ndasukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa, kandi igihe c’ukubohorwa kwanje kirashitse.”—2Tm 4:6.
“Ukuzuka kwa mbere”, ubu kuriko kuraba!
5 Ubugira kabiri, abasizwe bagize “Isirayeli y’Imana” bategerezwa gusanga Umukama Yezu Kristu mu buninahazwa bwo mw’ijuru, aho ‘bazokwamana’ na we (Ab’i Galatiya 6:16; 1 Ab’i Tesalonike 4:17). Ico kintu kiba citwa “izuka rya kare” canke “ukuzuka kwa mbere” (Ab’i Filipi 3:10, 11; Ivyahishuriwe 20:6). Iryo zuka rirangiye, hazoba hageze ko abantu amamiliyoni bazukira ng’aha kw’isi, bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. Rero, twaba dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kw’isi, turitwararika cane ivyerekeye “ukuzuka kwa mbere”. Mbega ni ukuzuka bwoko ki? Kuba ryari?