Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Bagalatiya, ku Banyefeso, ku Bafilipi be no ku Bakolosayi
INTUMWA PAULO amaze kwumva ko abakirisu bamwebamwe bariko baraheba ugusenga gutyoroye bitumwe n’akosho k’Abayuda bumira ku migenzo yabo, arandikira ‘amashengero y’i Galatiya’ ikete rikomeye. (Gal. 1:2) Iryo kete, iryanditswe nko mu 50-52 G.C., ririmwo impanuro zidakikiriza be n’uguhimiriza gukomeye.
Haheze nk’imyaka cumi, igihe Paulo yari i Roma ari “imbohe ya Kristu Yezu,” arandikira amashengero y’i Efeso, ay’i Filipi be n’ay’i Kolosayi akayaha impanuro ngirakamaro be n’indemesho ziranga urukundo. (Ef. 3:1) Na twebwe nyene muri iki gihe, turashobora kwungukira ku kwitwararika ubutumwa dusanga muri ivyo bitabu vyo muri Bibiliya ari vyo Abagalatiya, Abanyefeso, Abafilipi be n’Abakolosayi.—Heb. 4:12.
UKUNTU UMUNTU ASHOBORA ‘KWITWA UMUGOROROTSI’
Kubera ko Abayuda bumira ku migenzo yabo barondera gutyoza Paulo babigiranye uruyeri, araburanira ukuba ari intumwa mu gutanga amakuru amwamwe y’ido n’ido yerekeye ubuzima bwiwe. (Gal. 1:11–2:14) Mu kubeshuza inyigisho zabo z’ikinyoma, Paulo avuga iki kintu ati: “Umuntu yitwa umugororotsi, bitavuye ku bikorwa vy’itegeko, mugabo bivuye gusa ku kwizera kwerekeye Kristu Yezu.”—Gal. 2:16.
Paulo avuga yuko Kristu “[yabohoye] abagabwa n’itegeko mu kubacungura” maze akabagira abidegemvya kugira ngo binovore umwidegemvyo wa gikirisu. Yahimirije ashimitse Abagalatiya ati: “Shikame . . . , ntimwirekerane ngo mwongere kuboherwa ku ngǒgo y’ubushumba.”—Gal. 4:4, 5; 5:1.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
3:16-18, 28, 29—Isezerano Imana yagiranye na Aburahamu ryoba rigikora? Egome, riracakora. Isezerano ry’Itegeko ryaje ryiyongera kw’isezerano Imana yagiranye na Aburahamu, ntiryaje ririsubirira. Ku bw’ivyo rero, isezerano Imana yagiranye na Aburahamu ryagumye rikora n’inyuma y’aho rya Tegeko rimariye ‘gukurwaho.’ (Ef. 2:15) Imihango yari muri iryo sezerano ihabwa “uruvyaro” nyakuri rwa Aburahamu, ni ukuvuga, Kristu Yezu we gihimba nyamukuru be n’“aba Kristu.”
6:2—“Itegeko rya Kristu” ni iki? Iryo tegeko rigizwe n’ibintu vyose Yezu yigishije be n’ivyo yategetse. Ririmwo canecane rya tegeko ryo ‘gukundana.’—Yoh. 13:34.
6:8—‘Tubiba ku bw’impwemu’ gute? Ivyo tubigira mu kubaho mu buryo butuma impwemu y’Imana biyorohera gukorera muri twebwe. Kubiba ku bw’impwemu birimwo kugira uruhara n’umutima wacu wose mu bikorwa bituma impwemu yisukira.
Ivyigwa tuhigira:
1:6-9. Abakurambere bakirisu barakwiye kugira ico bakoze badatebaganye igihe haba hadutse ingorane mw’ishengero. Bakoresheje ivyiyumviro vyumvikana bishigikiwe n’Ivyanditswe, barashobora kubeshuza ivyiyumviro bitari vyo badatevye.
2:20. Incungu ni ingabirano Imana yahaye umwumwe wese muri twebwe. Turakwiye kwiga kuyibona muri ubwo buryo.—Yoh. 3:16.
5:7-9. Abagenzi babi barashobora ‘kutubuza kuguma tugamburukira ukuri.’ Tuba tubaye inkerebutsi igihe tubirinze.
6:1, 2, 5. Abafise “kamere zisabwa zo mu vy’impwemu” boshobora kudufasha kwikorera umuzigo, nk’akarorero, ikintu gitesha umutwe canke ingaruka ibabaje iva ku kuba twatirimutse tutabizi. Yamara rero, ivyo kwikorera umutwaro w’amabanga tujejwe yo mu vy’impwemu, ni twe vyega.
“GUKORANIRIZA HAMWE IBINTU VYOSE MURI KRISTU”
Mu gushimika ku ciyumviro kijanye n’ubumwe bwa gikirisu mw’ikete yandikiye Abanyefeso, Paulo aravuga ibijanye n’“ubuyobozi ibihe vyashinzwe bimaze gukwira . . . kwongera gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi.” Kristu yaratanze “ingabirano z’abagabo” kugira ngo afashe bose “[gushika] ku bumwe mu kwizera.”—Ef. 1:10; 4:8, 13.
Kugira ngo abakirisu batere iteka Imana bongere baremeshe ubumwe, bakwiye “[kwa]mbara kamere nshasha” be no ‘kuyobokeranira batinya Kristu.’ Barakeneye kandi “guhagarara [ba]shikamye mu kurwanya uruyeri rwa wa Mubesheranyi,” ivyo bakabigira mu kwambara umwambaro ukwiye w’ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu.—Ef. 4:24; 5:21; 6:11.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:4-7—Ni mu buryo ki abakirisu basizwe bashinzwe imbere y’uko bavuka? Bashinzwe bwa mugwi ntibashinzwe umwe wese ku giti ciwe. Ivyo vyabaye imbere y’uko abantu b’abanyavyaha babaho. Ubuhanuzi bwanditse mw’Itanguriro 3:15, ubwavuzwe ata muntu w’umunyavyaha n’umwe aravuka, burimwo umugambi Imana yari ifise w’uko abayoboke bamwebamwe ba Kristu bofadikanije na we kuganza mw’ijuru.—Gal. 3:16, 29.
2:2—Ni mu buryo ki impwemu y’isi ifise ‘ubukuru ku kirere’? “Impwemu y’isi,” ni ukuvuga impwemu y’ubwigenge be n’ubugambarazi, ikwiye hose nka kurya kw’ikirere gikikuje ibiremwa vyose. (1 Kor. 2:12) Ubukuru bwayo, ari bwo bubasha bwayo, bushingiye ku kuntu akosho kayo gakomeye kandi kadatezura.
2:6—Abakirisu basizwe bashobora gute kuba “mu bibanza vyo mw’ijuru” bakiri kw’isi? Imvugo ikoreshwa ngaha ngo “ibibanza vyo mw’ijuru,” ntiyerekeza ku ntoranwa yabo yo mw’ijuru basezeraniwe. Ahubwo yerekeza ku kibanza co mu buryo bw’impwemu kininahaye baronka kubera yuko “[ba]domweko ikidodo c’impwemu nyeranda yari yarasezeranywe.”—Ef. 1:13, 14.
Ivyigwa tuhigira:
4:8, 11-15. Yezu Kristu ‘yarajanye imbohe,’ ni ukuvuga ko yakuye abantu mu bubasha bwa Shetani kugira ngo abakoreshe nk’ingabirano ku bw’ukwubakwa kw’ishengero rya gikirisu. Turashobora ‘gukura mu bintu vyose twisunze urukundo, tugakurira muri Kristu’ mu kugamburukira no mu kuyobokera abatuja imbere be no mu gukora duhuza n’intunganyo zigirwa mw’ishengero.—Heb. 13:7, 17.
5:22-24, 33. Uretse ko umukenyezi akwiye kuyobokera umunega wiwe, akwiye no kumwubaha. Ivyo abigira mu kugaragaza “umutima utekanye kandi witonda” be no mu kwihatira gutera iteka umunega wiwe mu kumuvuga neza be no mu gukora uko ashoboye kwose kugira ngo ingingo yafashe zivemwo ivyiza.—1 Pet. 3:3, 4; Tito 2:3-5.
5:25, 28, 29. Nka kurya nyene umunega ‘yigaburira,’ abwirizwa kuronsa neza umukenyezi wiwe ivyo akeneye mu vy’umubiri, mu vy’akanyengetera be no mu vy’impwemu. Akwiye kandi kumubungabungana urukundo mu kumarana na we umwanya ukwiye be no mu kumugaragariza ikibabarwe mu mvugo no mu ngiro.
6:10-13. Kugira ngo tunanire amadayimoni, turakeneye kwambara umwambaro w’ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu biva ku Mana tubigiranye umutima wacu wose.
“TUBANDANYE KUGENDERA KU RUTONDE”
Ikete Paulo yandikiye Abafilipi ryumvikanamwo urukundo. Avuga ati: “Iki ni co nshishikara gusaba Imana: ni uko urukundo rwanyu rwogwira rukanarushiriza kuguma rugwira hamwe n’ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye.” Kugira ngo abafashe kutagwa mu mutego wo kwiyizigira birenze, abahanura ati: “Mugume mushitsa ubukiriro bwanyu bwite mutinya kandi mujugumira.”—Flp. 1:9; 2:12.
Paulo araremesha abahumuye mu vy’impwemu gushishikara ‘bagana kw’ihangiro ngo baronke agashimwe k’ihamagarwa ryo kuduga bahamagawe n’Imana.’ Avuga ati: “Ku rugero tugezeko mu gutera imbere, tubandanye kugendera ku rutonde muri iyo nzira nyene.”—Flp. 3:14-16.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:23—Ni ibintu “bibiri” ibihe vyaremera Paulo, kandi ni “ukubohorwa” ukuhe yipfuza? Kubera ukuntu ibintu Paulo yarimwo vyari vyifashe, yari aremerewe n’ibintu bibiri vyari gushobora kumushikira, ari vyo ubuzima canke urupfu. (Flp. 1:21) Naho atavuga ico yohitamwo, aramenyesha ico yipfuza, ico na co kikaba ari “ukubohorwa be n’ukuba kumwe na Kristu.” (Flp. 3:20, 21; 1 Tes. 4:16) Ukwo “kubohorwa” mu gihe c’ukuhaba kwa Kristu kwotumye Paulo aronka impera Yehova yamuteguriye.—Mat. 24:3.
2:12, 13—Ni mu buryo ubuhe Imana ituma tugira ‘ugushaka tukongera tugakora’? Impwemu nyeranda ya Yehova irashobora gukorera mu mitima yacu no mu mizirikanyi yacu ikongereza icipfuzo dufise co gukora ivyo dushoboye vyose mu murimo wiwe. Ku bw’ivyo, uko ‘tuguma dushitsa ubukiriro bwacu bwite,’ ntitubura ikidufasha.
Ivyigwa tuhigira:
1:3-5. Naho Abafilipi bari bakenye, baradusigiye akarorero keza mu bijanye no kuba abatanzi ba cane.—2 Kor. 8:1-6.
2:5-11. Nk’uko akarorero ka Yezu kavyerekana, kwicisha bugufi si ikimenyetso c’ubugoyagoye ahubwo vyerekana ko umuntu ashikama ku nyifato ibereye. Vyongeye, Yehova arashira hejuru abicisha bugufi.—Imig. 22:4.
3:13. Ibintu “biri inyuma” vyoshobora kuba ari nk’akazi k’umushahara munini, ugutekanirwa kuva ku kuba umuntu ari mu muryango utunze canke mbere ivyaha bikomeye twakoze kera tukaba twaravyigaye maze ‘tukavyozwa.’ (1 Kor. 6:11) Turakwiye kwibagira ivyo bintu, ni ukuvuga ko dukwiye kureka kubishirako umutima maze ‘tukaramiriza ku biri imbere.’
“MUKOMEYE MUTANYIGANYIGA MU KWIZERA”
Mw’ikete Paulo yandikiye Abakolosayi, yarabeshuje ivyiyumviro bitari vyo vy’abigisha b’ikinyoma. Yerekana yuko ubukiriro butava ku gushitsa ivyo Itegeko risaba, ahubwo ko buva ku “kuguma mu kwizera.” Paulo aremesha Abakolosayi ‘kubandanya kugenda bunze ubumwe na Kristu, bashinze imizi kandi bubatswe muri we kandi bakomeye batanyiganyiga mu kwizera.’ None ukwo kutanyiganyiga kwogize ico kubakozeko gute?—Kol. 1:23; 2:6, 7.
Paulo yandika ati: “Ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, kuko ari umugozi utunganye wunga ubumwe. Vyongeye, amahoro ya Kristu naganze mu mitima yanyu.” Iyo ntumwa ibabwira iti: “Ico mukora cose, mugikorane umutima wanyu wose nk’abakorera Yehova, atari nk’abakorera abantu.” Ku bijanye n’abo hanze y’ishengero, avuga ati: “Mubandanye kugendera mu bukerebutsi” kuri bo.—Kol. 3:14, 15, 23; 4:5.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
2:8—“Ibintu vy’intango vyo mw’isi” Paulo yagabishijeko ni ibihe? Ivyo ni ibintu vyo mw’isi ya Shetani, ni ukuvuga ivyo yisunga canke ibintu nyamukuru biyigize, biyiyobora, canke bituma igira ivyo ikoze. (1 Yoh. 2:16) Muri ivyo harimwo amafilozofiya yo muri ino si, uguhahamira amaronko kwayo be n’amadini y’ikinyoma yayo.
4:16—Ni kubera iki ikete ryandikiwe Abanyalawodiseya ritari muri Bibiliya? Ivyo vyoshobora kuba bitumwa n’uko ritari ririmwo amakuru akenewe muri iki gihe. Canke na ho vyoshobora kuba bitumwa n’uko ryasubiramwo ivyiyumviro vyari mu yandi makete yemewe yo muri Bibiliya.
Ivyigwa tuhigira:
1:2, 20. Incungu, iyo Imana yatanze kubera ubuntu bwayo ata wari abukwiriye, irashobora gutuma ijwi ryacu ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi ikongera igatuma tugira amahoro yo mu mutima.
2:18, 23. “Ukwicisha bugufi kw’uruhendo,” ni ukuvuga, kwerekana ko wicisha bugufi kugira utangaze abandi, kumbure mu kwiyankisha amatungo kanaka canke mu kwibabaza ku mubiri, ni icerekana ko umuntu aba ariko ‘yishira hejuru abitewe n’ivyiyumviro vyiwe bigengwa n’umubiri.’