Ibibazo vy’abasomyi
Ni ibintu ibihe vyabaye vyatumye Yuda aryamana n’umugore yiyumvira ko ari imaraya, nk’uko bivugwa mw’Itanguriro 38:15, 16?
Igihe Yuda yaryamana n’umugore yiyumvira ko ari imaraya, mu vy’ukuri ntiyari imaraya. Nk’uko mw’Itanguriro ikigabane ca 38 habivuga, ngibi ivyabaye.
Imbere y’uko umuhungu w’imfura wa Yuda aronka umuhungu n’umwe ku mugore wiwe Tamari, yarishwe kubera “yar’umunyavyaha mu nyonga z’Uhoraho” (Itanguriro 38:7). Muri ico gihe, hari umugenzo w’uko umuntu acura muramuwe. Ivyo vyasaba yuko igihe umuntu apfuye adasize samuragwa, mwenewabo aba ari we ategerezwa gucura uwo mupfakazi kugira haboneke samuragwa. Mugabo Onani, umuhungu agira kabiri wa Yuda yaranse gushitsa iryo banga ryiwe. Ku bw’ivyo, yarapfuye bivuye ku rubanza aciriwe n’Imana. Yuda yaciye arungika uwo mukazana wiwe Tamari ngo asubire kwa se, gushika aho Shela umuhungu wiwe wa gatatu yobaye akuze bihagije ku buryo amwabira. Ariko rero, uko imyaka yagenda irengana, Yuda yaranse ko Shela yabira Tamari. Ni co gituma igihe Yuda yabura umugore wiwe, Tamari yagize umugambi w’ukuntu yoronka samuragwa kuri Yuda, Umwisirayeli yahoze ari sebukwe. Ivyo yabigize mu kwiyoberanya akigira nk’imaraya yo ku rusengero maze yicara ku nzira yari azi ko Yuda acamwo.
Yuda yararyamanye na we atazi ko ari Tamari. Kubera ko yamwemereye ko baryamana, yarahenze Yuda aramuha ingwati maze iyo ngwati akaba ari yo yahavuye imufasha kwemeza ko ari we yamutwaje inda. Igihe vyamenyekana, Yuda ntiyamwambitse ibara mugabo yavuze yicishije bugufi ati: “Arantsinze, kuko ntamuhaye Shela umwana wanje”. Kandi n’ikibereye rwose, ‘ntiyongeye kumwegera ukundi’.—Itanguriro 38:26.
Yuda yakoze nabi mu buryo bw’uko atahaye Tamari umuhungu wiwe Shela nk’uko yari yarabimwemereye. Yararyamanye kandi n’umugore yiyumvira ko ari imaraya yo ku rusengero. Ivyo vyari binyuranye n’umugambi w’Imana, na wo ukaba wari uw’uko umugabo arangura amabanga mpuzabitsina mu ndinganizo y’umubano w’ababiranye gusa (Itanguriro 2:24). Ariko mu vy’ukuri Yuda ntiyaryamanye n’imaraya. Ahubwo yagiye mu kibanza c’umuhungu wiwe Shela atabizi mu gushitsa wa mugenzo w’uko umuntu acura muramuwe maze akavyara umwana yemewe.
Kuri Tamari, iyo nyifato ntiyari iy’ubuhumbu. Abahungu biwe b’amahasa ntibabonwa ko ari abana b’ishushu. Igihe Bowazi w’i Betelehemu yatwara Umunyamowabukazi Rusi akurikije umugenzo w’uko umuntu acura muramuwe, abashingantahe b’i Betelehemu baravuze neza Peresi umuhungu wa Tamari, mu kubwira Bowazi bati: “Inzu yawe nihwane n’iya Peresi, uwo Tamari yavyariye Yuda, bizanywe n’uruvyaro Uhoraho azoguha kuri ico gitamba” (Rusi 4:12). Peresi kandi ari mu rutonde rwa ba sekuruza ba Yezu Kirisitu.—Matayo 1:1-3; Luka 3:23-33.