Yehova abona gute ivyo kwisigura?
UWO mugabo yavuze ati: “Wa mugore wampa ngo tubane, ni we yampaye icamwa co kuri ca giti ndaheza ndarya.” Uwo mugore yishuye ati: “Ya nzoka—yampenze ndaheza ndarya.” Ayo majambo abavyeyi bacu ba mbere ari bo Adamu na Eva babwiye Imana, ni yo yabaye intango y’ikiringo kirekire kihaciye abantu bisigura.—Ita. 3:12, 13.
Urubanza Yehova yaciriye Adamu na Eva kubera bari bagambaraye n’ibigirankana rwarerekanye yuko atemeye ukwisigura kwabo. (Ita. 3:16-19) Twoba none dukwiye gushika ku ciyumviro c’uko ukwisigura kwose Yehova atakwemera? Canke yoba yemera yuko hariho ukwisigura gufise ishingiro? Nimba ari ukwo biri, twomenya gute itandukaniro riri hagati y’ukwisigura gufise ishingiro n’ukudafise ishingiro? Kugira twishure ico kibazo, nimuze tubanze twihweze ico ukwisigura bisobanura.
Ukwisigura ni imvo umuntu atanga kugira ngo yerekane igituma yakoze ikintu, igituma atagikoze, canke igituma atazogikora. Ukwisigura kwoshobora kuba insobanuro ifise ishingiro yatumye umuntu adakora ikintu kinaka kandi kwoshobora kuba uburyo bwo gusaba ikigongwe bivuye ku mutima butuma umuntu adahambarirwa canke agirirwa ikigongwe. Ariko rero, nk’uko vyagenze ku bijanye na Adamu na Eva, kwisigura vyoshobora kuba kandi icitwazo, ni ukuvuga imvo itari yo umuntu atanga kugira ngo ahishe iy’ukuri. Kubera yuko ukwisigura akenshi usanga gukoreshwa muri ubwo buryo, abantu ntibahuta barakwemera.
Igihe turiko turisigura, na canecane igihe ukwo kwisigura gufitaniye isano n’umurimo turangurira Imana, turakwiye kwiyubara kugira ngo twirinde “[k]wibesha n’ivyiyumviro bitari vyo.” (Yak. 1:22) Ku bw’ivyo, nimuze twihweze uburorero bumwebumwe be n’ingingo ngenderwako zimwezimwe vyo muri Bibiliya bizodufasha ‘kuguma twiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.’—Ef. 5:10.
Ico Imana itwitezeko
Mw’Ijambo ry’Imana turahasanga amategeko atomoye twebwe abasavyi ba Yehova dukeneye kugamburuka. Nk’akarorero, igikorwa Kristu yadushinze co ‘kugenda tugahindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa’ ni itegeko rikiraba abayoboke bose b’ukuri ba Kristu. (Mat. 28:19, 20) Nkako, gushitsa iryo tegeko birahambaye cane ku buryo intumwa Paulo yavuze ati: “Noba ngowe hamwe ntomenyesha inkuru nziza!”—1 Kor. 9:16.
Naho ari ukwo, abantu bamwebamwe bamaze igihe kirekire bigana natwe Bibiliya baracagonanwa kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Mat. 24:14) Abandi na bo bigeze kuba bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza barahagaritse kubigira. None ni imvo izihe rimwe na rimwe zitangwa n’abatagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza? Yehova yakiriye gute abagonanywe kugamburuka amategeko yiwe atomoye muri kahise?
Ukwisigura kutemerwa n’Imana
“Biragoye cane.” Kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza vyoshobora kuba ibigoye cane, na canecane ku basanzwe bifitiye amasoni. Ariko rero, rimbura ico dushobora kwigira ku karorero ka Yona. Yarashinzwe igikorwa yabona ko kigoye birenze urugero: Yehova yamubwiye gutangaza ivyago vyari mu gushikira Ninewe. Ntibigoye gutahura igituma Yona yabona ko kurangura ico gikorwa vyasa n’ibiteye ubwoba. Ninewe wari umurwa mukuru wa Ashuri, kandi Abashuri bari bazwi yuko ari inkazi cane. Yona ashobora kuba yariyumviriye ati: ‘Nzovyifatamwo gute muri abo bantu? Mbega bazongira iki?’ Bidatevye, yaciye ahunga. Yamara, Yehova ntiyemeye ukwisigura kwa Yona. Ahubwo nyabuna, Yehova yarongeye kumushinga igikorwa co kubwira ubutumwa Abanyaninewe. Ico gihe hoho, Yona yararanguye n’umutima rugabo ico gikorwa yari yashinzwe, kandi Yehova yaragihezagiye haravamwo ivyiza.—Yona 1:1-3; 3:3, 4, 10.
Nimba wiyumvira yuko igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kigoye cane kuri wewe, niwibuke yuko “vyose bishoboka ku Mana.” (Mrk. 10:27) Urashobora guhera amazinda yuko Yehova azogukomeza niwaguma umusaba ngo agufashe be n’uko azoguhezagira niwarya umutima amenyo kugira ngo urangure ubusuku bwawe.—Luka 11:9-13.
“Nta vyo nshaka.” Wokora iki hamwe utoba ufise icipfuzo kivuye ku mutima co kurangura ubusuku bwawe bwa gikirisu? Niwibuke yuko Yehova ashobora gukorera muri wewe maze akagira ico akoze ku vyipfuzo vyawe. Paulo yavuze ati: “Imana [ni] yo iriko ikorera muri mwebwe, nk’uko biyihimbara, kugira ngo mugire ugushaka mwongere mukore.” (Flp. 2:13) Ku bw’ivyo, urashobora gusaba Yehova kugira ngo atume ushaka gukora ivyo agomba. Ivyo nyene ni vyo Umwami Dawidi yagize. Yatakambiye Yehova ati: “Nutume ngendera mu kuri kwawe.” (Zab. 25:4, 5) Na wewe nyene urashobora kubigenza gutyo mu gusenga n’ubwira usaba Yehova ngo atume ushaka gukora ibimuhimbara.
Birumvikana, igihe turushe canke twacitse intege, rimwe na rimwe vyoshobora kuba ngombwa ko twihata kugira ngo twitabe amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami canke kugira ngo tugire uruhara mu busuku. Nimba ari ukwo biri, twoba none dukwiye gushika ku ciyumviro c’uko tudakunda vy’ukuri Yehova? Habe namba. Abasavyi b’Imana b’abizigirwa bo mu gihe ca kera na bo nyene babwirizwa kwita ku rutare kugira ngo bakore ivyo Imana igomba. Nk’akarorero, Paulo yavuze yuko ‘umubiri wiwe yawukubitagura ibipfunsi,’ tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, kugira ngo ashobore kugamburuka amategeko y’Imana. (1 Kor. 9:26, 27) Ku bw’ivyo, n’igihe nyene tuba tubwirizwa kwihata kugira ngo turangure ubusuku bwacu, turashobora kwemera tudakeka ko Yehova azoduhezagira. Uti kubera iki? Kubera ko twihatira gukora ivyo Imana igomba tubitumwe n’imvo nziza, ni ukuvuga tubitumwe n’urukundo dukunda Yehova. Tubigenjeje gutyo, tuba dutanze inyishu ku vyo Shetani yivugishije yuko abasavyi b’Imana boyihakanye baramutse bashikiwe n’ibigeragezo.—Yobu 2:4.
“Nta mwanya mfise.” Nimba utagira uruhara mu busuku kubera yuko ubona ko ata mwanya ufise, birahambaye rwose yuko usubira kwihweza ivyo ushira imbere. Yezu yavuze ati: “Gume rero mubanza kurondera ubwami.” (Mat. 6:33) Kugira ngo ukurikize iyo ngingo ngenderwako iyobora abantu, hari aho woba ukeneye kworosha ubuzima bwawe canke kugabanya umwanya ukoresha mu vyo kwisamaza maze uwo ukuyeko ukawukoresha mu busuku. Ego ni ko, ivyo kwisamaza be n’ibindi bintu umuntu yikorera birafise ikibanza cavyo, mugabo si imvo yumvikana yotuma umuntu afata minenerwe ubusuku. Umusavyi w’Imana ashira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere.
“Nta vyo nshoboye.” Woshobora kwiyumvamwo yuko udakwije ibisabwa vyo kuba umusuku w’inkuru nziza. Abasavyi ba Yehova bamwebamwe b’abizigirwa bo mu bihe vya Bibiliya bariyumvamwo yuko batari bashoboye kurangura ibikorwa Yehova yabashinga. Nufate akarorero ka Musa. Igihe Yehova yamushinga igikorwa gitomoye, Musa yavuze ati: “Ntunga, Yehova, erega jewe sindi umuntu yoroherwa no kuvuga, kandi si ivy’ejo canke hirya y’ejo canke kuva aho uvuganiye n’umusavyi wawe, kuko ndi uw’umunwa wikwega n’ururimi rwikwega.” Naho Yehova yamusubirije umutima mu nda, Musa yishuye ati: “Ntunga, Yehova, ahubwo ndakwinginze, utume uwundi ushaka.” (Kuv. 4:10-13) None Yehova yavyakiriye gute?
Yehova ntiyakuye kuri Musa ico gikorwa. Ariko rero, Yehova yaragenye Aroni kugira ngo afashe Musa kurangura ico gikorwa. (Kuv. 4:14-17) Vyongeye, mu myaka yakurikiye, Yehova yarabandanije gufata mu mugongo Musa yongera aramuronsa ikintu cose yari akeneye kugira ngo aroranirwe mu bijanye no kurangura ibikorwa yari yamushinze. Muri kino gihe, urashobora kwizigira yuko Yehova azovyurira abo musangiye ukwemera bazi utuntu n’utundi umutima wo kugufasha na wewe mu bijanye no kurangura ubusuku bwawe. N’ikiruta vyose, Ijambo ry’Imana riradukura amazinda yuko Yehova azotuma dukwiza ibisabwa kugira ngo turangure igikorwa yadutegetse gukora.—2 Kor. 3:5; raba uruzitiro ruvuga ngo “Imyaka iteye umunezero kuruta iyindi yose mu buzima bwanje.”
“Hari uwambabaje.” Hari abareka kugira uruhara mu busuku canke kwitaba amakoraniro y’ishengero kubera yuko hari uwabababaje, bakibaza yuko Yehova atazobura kwemera ukwo kuntu bisigura berekana icatumye bahororokerwa mu vy’impwemu. Naho ari ivyumvikana ko tuvunika umutima igihe hari uwutubabaje, ubwo koko iyo yoba ari imvo yumvikana yo kureka kugira uruhara mu bikorwa vya gikirisu? Paulo be n’uwo bari basangiye ukwemera Barunaba bashobora kuba barababaye inyuma y’ukutumvikana kwabaye hagati yabo, ukwatumye haba “ugutomboka kw’ishavu gukaze.” (Ivyak. 15:39) Ariko none hoba hari n’umwe muri bo yaretse kugira uruhara mu busuku kubera ico kintu? Uwokubesha!
Muri ubwo buryo nyene, igihe wababajwe n’uwo musangiye ukwemera, urama wibuka yuko umwansi wawe atari uwo muvukanyi wawe mukirisu w’umunyagasembwa ahubwo ko ari Shetani, we yipfuza kukurotsa. Ariko rero, Shetani ntazororanirwa ‘niwamurwanya ukomeye mu kwizera.’ (1 Pet. 5:8, 9; Gal. 5:15) Niwaba ufise ukwizera nk’ukwo, ntuzogenda ‘uteterewe.’—Rom. 9:33.
Igihe ivyo dushoboye gukora biri n’aho bigarukira
Dufatiye kuri ubwo burorero bukeyi bujanye no kwisigura, biragaragara yuko ata mvo n’imwe yumvikana ishingiye ku Vyanditswe iriho umuntu yotanga kugira ngo yerekane igituma adashitsa amategeko atomoye ya Yehova, harimwo na ca gikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza. Naho ari ukwo, twoshobora kuba dufise imvo zumvikana zituma ivyo dushoboye kurangura mu busuku bigira aho bigarukira. Ayandi mabanga tujejwe ashingiye ku Vyanditswe yoshobora gutuma umwanya dutegekaniriza igikorwa co kwamamaza ugabanuka. N’ikindi kandi, rimwe na rimwe twoshobora kuba vy’ukuri turushe cane canke turwaye cane ku buryo tudashobora gukora ivyo twipfuza kurangura mu murimo wa Yehova. Ariko rero, Ijambo ry’Imana riradukura amazinda yuko Yehova azi icipfuzo dufise kivuye ku mutima be n’uko atirengagiza ukuba turi n’aho tugarukiriza.—Zab. 103:14; 2 Kor. 8:12.
Ku bw’ivyo rero, turakeneye kuba maso kugira ngo ntitwicire urubanza mu buryo bukomeye muri ivyo canke ngo turucire abandi muri ubwo buryo. Intumwa Paulo yanditse ati: “Uri nde ngo ucire urubanza umukozi wo mu nzu w’uwundi? Imbere ya shebuja wiwe bwite ni ho ahagarara canke agatemba.” (Rom. 14:4) Aho kugereranya ukuntu ivyacu vyifashe n’ukuntu ivy’abandi vyifashe, turakwiye kwibuka yuko “umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe.” (Rom. 14:12; Gal. 6:4, 5) Igihe twituye Yehova mw’isengesho maze tukisigura kuri we, nimuze tubigire dufise “ijwi ryo mu mutima rigororotse.”—Heb. 13:18.
Igituma gusukurira Yehova bituma tugira umunezero
Twese turashobora gusukurira Yehova tunezerewe bimwe bivuye ku mutima kubera ko ivyo adusaba, naho ivyacu vyoba vyifashe gute mu buzima, vyama ari ibitegereka kandi turashobora kubishikako. Ni kubera iki twovuga gutyo?
Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ntureke kugirira iciza abagikwiriye kandi ukuboko kwawe kuri n’ububasha bwo kugikora.” (Imig. 3:27) Ni igiki wabonye muri uyu mugani ku bijanye n’ivyo Imana isaba? Yehova ntagutegeka ngo wihatire kugira ububasha bungana n’ubwoshobora kuba buri mu kuboko kw’umuvukanyi wawe ahubwo agusaba kumusukurira ukoresheje ‘ububasha buri mu kuboko kwawe.’ Egome, umwe wese muri twebwe, ukuboko kwiwe kwaba kuri n’ububasha bukeyi canke bwinshi, arashobora gusukurira Yehova n’umutima wiwe wose.—Luka 10:27; Kol. 3:23.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 14]
“Imyaka iteye umunezero kuruta iyindi yose mu buzima bwanje”
Naho nyene twoba turi n’aho tugarukiriza kubera ingorane zikomeye zijanye n’amagara canke zijanye n’inyiyumvo, ntidukwiye kwihutira gushika ku ciyumviro c’uko ivyo bizotubuza kugira uruhara mu busuku mu buryo bushitse. Kugira ngo tubitangire akarorero, rimbura ivyashikiye Ernest, uno akaba ari umuvukanyi wacu wo muri Kanada.
Ernest yari afise ingorane yo kuvuga akongera akaba umunyamasoni cane. Aho amariye gukomereka bimwe bikomeye, vyarabaye ngombwa ko aheba akazi yakora ari umwubatsi. Naho yari ikimuga, ukuntu ivyiwe vyari bisigaye vyifashe vyaratumye ashobora kumara umwanya wiyongereye mu busuku. Indemesho yatanzwe ku makoraniro y’ishengero ijanye no gukora ubutsimvyi bwo gufasha yaratumye agira icipfuzo gikomeye co kubukora. Ariko rero, ntiyiyumvamwo ko akwije ibisaba vyotuma agira uruhara muri uwo muce w’ubusuku.
Kugira ngo yiyemeze ko atoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha, yarasavye kuba umutsimvyi wo gufasha ukwezi kumwe. Yaratangaye cane igihe yashobora gushitsa neza ico gikorwa. Yaciye yibwira ati: ‘Ndazi yuko bitoshoboka ko nsubira kugikora.’ Kugira ngo yiyemeze ko ico ciyumviro ciwe ari ic’ukuri, yarasavye gukora ico gikorwa ukwezi kugira kabiri, maze arongera aragishitsa.
Ernest yamaze umwaka umwe ari umutsimvyi wo gufasha, mugabo avuga ati: “Ndazi neza yuko bitokwigera bishoboka ko mba umutsimvyi asanzwe.” N’ico gihe nyene, kugira ngo yiyemeze ko ico ciyumviro ciwe ari ic’ukuri, yarasavye gukora igikorwa c’ubutsimvyi busanzwe. Yaratangaye igihe yashobora kurangiza umwaka wiwe wa mbere ari umutsimvyi asanzwe. Yaciye afata ingingo yo kubandanya kandi yaragize umunezero wo gusukura ari umutsimvyi mu kiringo c’imyaka ibiri, gushika aho apfiriye biturutse ku ngorane zavuye kuri kwa gukomereka. Ariko rero imbere y’uko apfa, yarakunda kubwira ababa baje kumuraba akorora amosozi ati: “Iyi myaka maze nkorera Yehova ndi umutsimvyi ni yo yabaye imyaka iteye umunezero kuruta iyindi yose mu buzima bwanje.”
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 13]
Turashobora gutsinda intambamyi iyo ari yo yose yoshobora kutubuza kurangura ubusuku
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 15]
Yehova arahimbarwa igihe tumusukurira n’ubuzima bwacu bwose mu gukora ivyo dushoboye vyose bivanye n’uko ivyacu vyifashe