ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr21 Nzero rup. 1-13
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2021
  • Udutwe
  • 4-10 NZERO
  • 11-17 NZERO
  • 18-24 NZERO
  • 25-31 NZERO
  • 1-7 RUHUHUMA
  • 8-14 RUHUHUMA
  • 15-21 RUHUHUMA
  • 22-28 RUHUHUMA
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2021
mwbr21 Nzero rup. 1-13

Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

4-10 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 18-19

“Nugume udahumanye mu nyifato runtu”

w19.06 27 ing. 10

Ingene wokwirinda umwe mu mitego ya Shetani

Yehova yaradondoye ibikorwa vy’ubuhumbu amahanga yari akikuje Isirayeli yakora, aca abwira abo basavyi biwe ati: “Ntimuze mukore nk’uko igihugu ca Kanani gikora, ico ndiko ndabazanamwo. . . . Igihugu [kira]humanye, kandi nzogihanira ikosa ryaco.” Iyo Mana nyeranda y’Abisirayeli yabona ko ingeso z’Abanyakanani zishisha cane ku buryo yafata ko n’ico gihugu cari gihumanye.​—Lew. 18:3, 25.

w17.02 20 ing. 13

Yehova arayobora abasavyi biwe

13 Ese ukuntu abo bami b’intahemuka bari batandukanye n’indongozi z’ayandi mahanga, izisunga ubwenge bw’abantu kandi ntizibone kure! Nk’akarorero, Abanyakanani barakora ibintu vy’agahomerabunwa, nk’ukugoka, uguhuza ibitsina kw’ababisangiye, ukuryamana n’ibikoko, ugutanga abana ngo babe ibimazi be n’ugusenga ibigirwamana kw’akamaramaza. (Lew. 18:6, 21-25) Vyongeye, indongozi za Babiloni n’iza Misiri ntizagira amabwirizwa y’isuku atomoye, nk’amwe Imana yaha Isirayeli. (Guh. 19:13) Abasavyi b’Imana bobo barabona ingene indongozi zabo z’intahemuka zitwararika kuba izitanduye ku mubiri, mu vy’impwemu no mu nyifato runtu. Vy’ukuri, Yehova ni we yaziyobora.

w14 1/7 7 ing. 2

Ico Imana izokorera ubukozi bw’ikibi

Tuvuge iki ku banka guhindura ingendo n’akagagazo n’akantu, bakabandanya gukora ibintu bibi? Rimbura uyu muhango utomoye ugira uti: “Abagororotse [ni] bo bazokwibera mw’isi, kandi abatagirako umugayo ni bo bazosigara kuri yo. Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi; nayo abahemu, bazorandurwa kuri yo.” (Imigani 2:21, 22) Akosho k’abantu babi kazoba kavuyeho. Abantu bagamburuka bazogenda barakurwako akanenge tuvukana, bibereye mu mahoro.​—Abaroma 6:17, 18; 8:21.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w06 15/6 22 ing. 11

“Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!”

11 Umuce ugira kabiri w’Ivyagezwe vya Musa werekana ko Imana yitaho ineza y’abasavyi bayo, ni bwa burenganzira bari bafise bwo guhumba. Yehova yategetse yuko igihe Umwisirayeli w’umurimyi yimbuye ivyimburwa mu murima wiwe, aboro bakwiye kwemererwa guhumba ivyo abimbuzi basigaje. Abarimyi bategerezwa kutimbura ivyimburwa vyose vyo ku mibari y’imirima no kudasongonoza imizabibu canke imyelayo yaba yasigaye. Imiganda y’ivyimburwa baba bibagiriye mu mirima ntibari bakwiye kugaruka kuyitora. Iyo yari indinganizo iranga urukundo yafasha aboro, abanyamahanga, impfuvyi be n’abapfakazi. Ni vy’ukuri yuko ukwo guhumba kwasaba aboro gukora bakabira akuya, mugabo urabona ko biciye kuri iyo ndinganizo bataba bakibwirijwe gusegerereza.​—Abalewi 19:9, 10; Gusubira mu vyagezwe 24:19-22; Zaburi 37:25.

11-17 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 20-21

“Yehova araha intoranwa abasavyi biwe”

w04 15/10 11 ing. 12

Woba ushobora kuzoba mw’Iparadizo?

12 Ariko rero, hariho ikintu tudakwiye kwirengagiza. Imana yabwiye Abisirayeli iti: “Mukwiye kwitondera ivyagezwe vyose mbagera uyu musi, kugira ngo mubone kugira inkomezi, mwinjire igihugu . . . ngo mucegukire” (Gusubira mu vyagezwe 11:8). Ivy’ico gihugu nyene biravugwa kandi mu Balewi 20:22, 24, ahagira hati: “Muze mwitondere amabgirizwa yanje yose n’ivyagezwe vyanje vyose, muvyumvire: kugira ngw igihugu mbajanyemwo ngo muhabe, ntikize kihave kibadahwa. Ariko mwebge narababwiye, nti Ni mwebge muzokwegukira igihugu cabo, kandi nzokibaha, kibe icanyu, ico gihugu gitemba amata n’ubuki”. Ego cane, kugira ngo begukire Igihugu c’Isezerano bategerezwa kugiranira ubucuti bwiza na Yehova Imana. Ukuba Abisirayeli batagamburukiye Imana, ni vyo vyatumye ireka Abanyababiloni bakabigarurira maze bakabakura ahantu baba.

it-1 1106

Intoranwa

Ni ikintu cose gihabwa samuragwa nyeneco amaze gupfa, canke kigahabwa abafise uburenganzira bwo kumusubirira. Ni ikintu cose umuntu afise yakirazwe na basekuruza canke abamwitangiye imbere, nk’uko bagiye bakurakuranwa. Irivuga nyamukuru ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha ni naḥal (izina: naḥalah). Ririmwo kuronka canke gutanga intoranwa canke ikintu watoranye, mu bisanzwe bakaba bisunga uko imiryango yagenda irasubirira iyindi. (Gh 26:55; Ezk 46:18) Rimwe na rimwe barakoresha irivuga yarash bashaka kuvuga “gusubirira ngo ube samuragwa,” ariko kenshi ryerekeza ku “kwigarurira intoranwa” hadakurikijwe uko imiryango igenda irasubirira iyindi. (It 15:3; Lw 20:24) Rirashobora kandi gusobanura “kwomora; kwirukana,” hakaba hajamwo no kurwana. (Gus 2:12; 31:3) Amajambo y’ikigiriki yerekeza ku ntoranwa arafitaniye isano n’ijambo klêros, iryo mu ntango ryasobanura ngo “ubupfindo.” Ariko ryahavuye risobanura “kugira uruhara,” amaherezo risobanura “intoranwa.”​—Mt 27:35; Ivk 1:17; 26:18.

it-2 438 ing. 5

Inyoni

Inyuma y’umwuzure, Nowa yaratanze amashikanwa y’“ibiremwa biguruka bidahumanye” hamwe n’ibindi bikoko. (It 8:18-20) Kuva ico gihe, Imana yaremereye abantu ko inyoni ziyongera ku vyo bafungura, ariko bakirinda kurya amaraso. (It 9:1-4; gereranya na Lw 7:26; 17:13.) Nimba rero ico gihe hari inyoni zabonwa ko ‘zidahumanye,’ nta gukeka ko ari kubera Imana yari yerekanye mu buryo kanaka yuko vyemewe ko zitangwako amashikanwa. Twisunze ivyo Bibiliya yerekana ku bijanye n’ibifungurwa, nta nyoni n’imwe yabonwa ko “ihumanye” imbere y’uko Itegeko rya Musa ritangura gukora. (Lw 11:13-19, 46, 47; 20:25; Gus 14:11-20) Bibiliya ntitomora neza na neza ico bafatirako kugira bavuge ko inyoni zimwezimwe “zihumanye” imbere y’Imana. Nk’akarorero, naho nyinshi muri izo zitwa ko zihumanye zari inyoni zihiga canke zirya ivyipfishije, si zose zari ukwo. Isezerano rishasha rimaze gushingwa, iryo tegeko ribuza kuzirya ryarakuweho, nk’uko Imana yabitomoreye Petero mw’iyerekwa.​—Ivk 10:9-15.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 1180

Kwikebagura

Itegeko ry’Imana ryarabuza ridomako ivyo kwikebagura ku mubiri ku bw’umuntu yapfuye. (Lw 19:28; 21:5; Gus 14:1) Ivyo vyari ukwo kubera Isirayeli cari igisata ceranda kuri Yehova, ikaba n’inyegu idasanzwe. (Gus 14:2) Isirayeli rero yategerezwa kuguma yirinda imigirwa yose ijanye no gusenga ibigirwamana. Ku bw’ivyo kandi, ukwo gukavya mu kugandara hariko no kwishishagura ku mubiri ntivyari bibereye ku bantu bari bazi neza ingene abapfuye bamerewe hamwe n’icizigiro c’izuka. (Dn 12:13; Heb 11:19) Vyongeye, itegeko ryabuza kwikomeretsa ryaratuma Abisirayeli barushiriza guha agaciro umubiri w’umuntu Imana yaremye.

18-24 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 22-23

“Ingene twungukira ku misi mikuru y’ibiringo”

it-1 884-885

Umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro

Umusi batangurirako ikiringo c’Umusi mukuru w’udutsima tutambiwe ryari ikoraniro ry’agakura, ikaba n’isabato. Ku musi ugira kabiri, itariki 16 Nisani, barazanira umuherezi umuganda w’umushuzo w’umwimbu wa sayiri, ari na co giterwa cera imbere y’ibindi vyose muri Palestina. Imbere y’uwo musi mukuru w’udutsima tutambiwe, nta wari yemerewe kurya n’urutete na rumwe rwo ku mushuzo, rwaba rubisi, urukaranze canke urwakozwemwo umukate. Umuherezi yarashikanira Yehova uwo mushuzo mu buryo bw’ikigereranyo mu kuzungagiza nya muganda w’intete irya n’ino. Muri ico gihe nyene baratanga umwagazi w’intama utagira agahonzi mu mwaka wawo wa mbere ngo ube ishikanwa riturirwa, bakawutangana n’ishikanwa ry’intete ribombekeshejwe amavuta be n’ishikanwa ry’ikinyobwa. (Lw 23:6-14) Nta tegeko ryariho ryo guturira ku gicaniro intete canke ifu ivuye muri zo, nk’uko abaherezi bahavuye baza barabigira. Mu kiringo c’uwo musi mukuru, ntihatangwa ishikanwa ry’umushuzo ku bw’abantu bose canke ihanga ryose gusa, ariko kandi hariho n’intunganyo y’uko buri muryango canke buri muntu afise ico atunze muri Isirayeli ashobora gutanga ishikanwa ryo gukenguruka.​—Kv 23:19; Gus 26:1, 2.

Ico vyasobanura. Kurya udutsima tutarimwo umwambiro muri ico kiringo vyari bihuje n’ubuyobozi Yehova yahaye Musa dusanga muri Kuvayo 12:14-20, bukaba burimwo itegeko ridaca ku ruhande dusanga ku murongo wa 19 rigira riti: “Mu misi indwi nta gicumbe gikāta gikwiye kuboneka mu mazu yanyu.” Mu Gusubira mu vyagezwe 16:3, utwo dutsima tutarimwo umwambiro twitwa “umukate w’amarushwa,” tukaba twaributsa buri mwaka Abisirayeli ingene bavuye mu Misiri bihuta (kuko batari bafise umwanya wo gushira umwambiro mu gikandu cabo [Kv 12:34]). Twaributsa rero Isirayeli amarushwa n’ubuja yakuwemwo, nk’uko nyene Yehova ubwiwe yabivuze ati: “Kugira wibuke umusi w’ukuva kwawe mu gihugu ca Misiri imisi yose y’ubuzima bwawe.” Kumenya ko ihanga ryose ryari risigaye rifise umwidegemvyo no gutahura ko Yehova ari we yabarokoye, vyaratuma Abisirayeli bahimbaza uwo musi mukuru utangurira imisi mikuru idasanzwe itatu ya buri mwaka babigiranye agatima kabereye.​—Gus 16:16.

it-2 527 ing. 1

Pentekoti

Umushuzo w’umwimbu w’ingano ntiwafatwa kumwe n’umushuzo wa sayiri. Ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa vy’ifu y’ingano inoze (amalitiro 4,4) baravyotsamwo imikate ibiri irimwo n’umwambiro. Basabwa kuyizana “bayikuye aho baba,” bikaba bisobanura ko yari imikate isa n’iyo bari basanzwe bafungura buri musi muhira, ko rero atari imikate yari igenewe gukoreshwa ibintu vyeranda. (Lw 23:17) Bayitangana amashikanwa aturirwa be n’ishikanwa ry’igicumuro, hamwe rero n’ishikanwa ry’ugusangira rigizwe n’imyagazi ibiri y’intama. Umuherezi yarazungagiza iyo mikate n’iyo myagazi imbere ya Yehova ibiganza vyiwe biri munsi y’iyo mikate n’ibipande vy’iyo myagazi, agaca abizungagiza irya n’ino. Ivyo vyasobanura ko abishikanye imbere ya Yehova. Umuherezi amaze gushikana iyo mikate n’iyo myagazi, vyaca bicika ivyiwe akabifungura nk’ishikanwa ry’ugusangira.​—Lw 23:18-20.

w14 15/5 28 ing. 11

Woba uriko urajana n’ishirahamwe rya Yehova?

11 Ishirahamwe rya Yehova rituremesha kwumvira impanuro ya Paulo igira iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.” (Heb. 10:24, 25) Imisi mikuru yaba buri mwaka n’iyindi mitororokano y’ugusenga yarakomeza Abisirayeli mu vy’impwemu. Vyongeye, ivyo biringo nka wa Musi mukuru w’Insago udasanzwe waba mu gihe ca Nehemiya vyari biteye umunezero. (Kuv. 23:15, 16; Neh. 8:9-18) Ku makoraniro, amateraniro n’amahwaniro tugira turahakura ivyiza nk’ivyo. Nimuze twungukire bimwe bishitse kuri izo ndinganizo kugira tugire amagara meza mu vy’impwemu be n’agahimbare.​—Tito 2:2.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w19.02 3 ing. 3

Nugumane ugutungana kwawe!

3 Abasavyi ba Yehova bagaragaza gute ugutungana? Ni mu kumukunda n’umutima wabo wose, bakamwihebera baherejeko maze mu ngingo zose bafata bagashira imbere ivyo agomba. Rimbura amakuru amwamwe yo muri Bibiliya yodufasha kubitahura. Muri Bibiliya, ijambo ryahinduwe ngo “gutungana” risobanura: gukwira, kutagira agahonzi canke kwuzura. Nk’akarorero, mw’itegeko ryasaba Abisirayeli guha Yehova ibimazi vy’ibikoko, basabwa gutanga ibitagira agahonzi. (Lew. 22:21, 22) Ntibari bemerewe gutanga igitungwa kitagira ukuguru, ugutwi canke ijisho canke ngo batange ikirwaye. Yehova yasaba ko kiba ikitagira agahonzi canke agahaze. (Mal. 1:6-9) Ni kubera iki none Yehova yitwararika ko ikintu kiba ikitagira akanenge? Iyo tuguze ikintu, caba ari icamwa, igitabu canke ikindi gikoresho, ntitugura icononekaye, igifise intoboro canke ikiri n’ivyo gihajije. Tuba twipfuza igikwiye, kitagira agahaze. Na Yehova abona ibintu muri ubwo buryo nyene. Yipfuza ko urukundo rwacu n’ukudahemuka kwacu biba ibikwiye, bitagira agahaze.

25-31 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 24-25

“Umwaka wa Yubile uratwibutsa umwidegemvyo wo muri kazoza”

it-2 137-138

Umwidegemvyo

Imana y’umwidegemvyo. Yehova ni Imana y’umwidegemvyo. Yarakuye ihanga ry’Abisirayeli mu buja mu Misiri. Yababwiye ko igihe cose bogamburutse amategeko yiwe, ata n’umwe yobaye umworo. (Gus 15:4, 5) Dawidi yavuze ko mu minara yo kubamwo y’i Yeruzalemu ‘ata mwitwarariko wohabaye.’ (Zb 122:6, 7) Ariko rero itegeko ryavuga ko bishitse umuntu agakena, yoshoboye kwigurisha agacika umushumba kugira ashobore kwironsa ivya nkenerwa yongere abironse umuryango wiwe. Mugabo itegeko ryaraha umwidegemvyo uwo Muheburayo mu mwaka ugira indwi w’ubushumba bwiwe. (Kv 21:2) Kuri Yubile (iyaba buri mwaka ugira 50), haca hatangazwa umwidegemvyo ku baba mu gihugu bose. Umushumba wese w’Umuheburayo yaca aba uwidegemvya, buri muntu na we agasubira kw’itongo ryiwe yarazwe.​—Lw 25:10-19.

it-1 1107 ing. 7

Intoranwa

Kubera ko ubutaka bwaguma bwegukira umuryango umwe iyaruka ku rindi, carazira ko babugurisha burundu. Ku bw’ivyo, itongo barigurisha mu buryo bwo kurikotesha gusa, bisunze agaciro k’umwimbu ryotanze. Igiciro co kurikota bagishinga bisunze imyaka yohaciye gushika kuri Yubile ikurikira, ico gihe amatongo yose akaba yaca asubizwa abayahorana mu ntango nimba batari bwayacungure canke ngo bayasubirane imbere y’iyo Yubile. (Lw 25:13, 15, 23, 24) Iryo tegeko ryararaba n’inzu zo mu bisagara bidakikujwe n’uruhome, izabonwa nk’izo mu gihugu hagati. Ku bijanye n’inzu yo mu gisagara kizitijwe uruhome, uwuyigurishije yaba yemerewe kuyicungura gusa imbere y’uko umwaka uhera, kuko inyuma y’umwaka yaca yegukira burundu uwayiguze. Ku vyerekeye amazu yo mu bisagara vy’Abalewi yoyo, uburenganzira bwo kuyacungura bwarabandanya ibihe vyose kubera ko Abalewi ata matongo batorana mu gihugu.​—Lw 25:29-34.

it-2 70

Yubile

Igihe itegeko rijanye na Yubile ryaba ryubahirijwe, vyaratuma ihanga ridashikirwa n’ibintu bibabaje tubona mu bihugu vyinshi muri iki gihe, aho muri rusangi abantu bashirwa mu mice ibiri, ni ukuvuga abatunze cane n’abakenye cane. Kuba umuntu wese yarungukira kuri iyo ntunganyo vyarakomeza cane ihanga, kuko ata n’umwe yaba ari ntahonikora ngo bitume ata co yinjiza kubera ubukene. Mugabo abantu bose bari bashoboye gukoresha ubuhanga n’impano bafise ku bw’ineza y’ihanga. Kubera ko Yehova yahezagira ubutaka bugatanga umwimbu no kubera ko Abisirayeli baronswa inyigisho, iyo bagamburutse barungukira ku ntwaro no ku gusagamba bitagira agahaze, ibishobora gutangwa gusa n’intwaro y’Imana.​—Yes 33:22.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w09 1/9 22 ing. 3

Igihe hari uwakubabaje

Mu gihe Umwisirayeli yaba arengeye kuri mugenzi we akamunogora ijisho, iryo Tegeko ryarasaba ko uwo muntu ahanwa. Ariko rero, uwagiriwe nabi canke uwo mu muryango wiwe si bo bihanira. Iryo Tegeko ryasaba ko ico kibazo cihwezwa n’abategetsi babifitiye uburenganzira, ari bo bacamanza batiwe. Kumenya yuko uwagiriye nabi uwundi n’ibigirankana canke akamutoteza yashobora guhanwa mu kugera ingere ku yindi, cari ikintu gikomeye cane catuma hatabaho ivyo kwihorana. Ariko, hari n’ibindi vyari muri iryo tegeko.

1-7 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 26-27

“Ingene woronka umuhezagiro wa Yehova”

w08 15/4 4 ing. 8

Twamirire kure “ibitagira ikimazi”

8 None “ubutunzi” bushobora gute gucika nk’imana? Nk’akarorero, zirikana kw’ibuye ryaba riri mu murima munaka mu gihe ca Isirayeli ya kera. Ibuye nk’iryo ryarashobora kuba ngirakamaro mu bijanye n’ukwubaka inzu canke uruhome. Ariko kandi, igihe ryaba rishinzwe bwa “nkingi nyeranda” canke bwa “gishusho c’indatwa,” ryaca ribera igitsitaza abasavyi ba Yehova. (Lew. 26:1) No muri ubwo buryo nyene, amahera usanga ari ngirakamaro. Turayakenera kugira ngo gusa tube turamaze kabiri, vyongeye turashobora kuyakoresha mu buryo ngirakamaro mu murimo turangurira Yehova. (Umus. 7:12; Luka 16:9) Ariko, mu gihe ivyo kurondera amahera vyoba ari vyo dushira imbere y’umurimo wa gikirisu turangura, mu vy’ukuri amahera yoba acitse imana yacu. (Soma 1 Timoteyo 6:9, 10.) Muri iyi si aho gukurikirana inyungu zo mu vy’amahera ari co kintu gihambaye cane ku bantu, dutegerezwa kwiyemeza neza ko tugumana uburimbane mu kuntu tubibona.​—1 Tim. 6:17-19.

it-2 753 ing. 2

Ugutinya

Musa yisunze ukuntu Yehova yamukoresheje be n’ingene yamufashe, yaragaragaje ububasha buteye akoba (mu giheburayo môraʼ) mu maso y’abasavyi b’Imana. (Gus 34:10, 12; Kv 19:9) Abari bafise ukwizera baragaragaje ko batinya mu buryo bubereye ubukuru Musa yari afise. Baratahura ko Imana yavugana na bo biciye kuri we. Abisirayeli babwirizwa kandi gutinya aheranda ha Yehova. (Lw 19:30; 26:2) Ivyo vyasobanura ko bategerezwa kwamanira akoba aheranda, bagasenga Yehova mu buryo yabategetse kandi bakisunga amategeko yiwe yose mu nyifato yabo.

w91 1/3 17 ing. 10

Nureke “amahoro y’Imana” arinde umutima wawe

10 Yehova yabwiye iryo hanga ati: “Nimwabandanya kugendera mu vyagezwe vyanje no kugumya amabwirizwa yanje kandi mukayashitsa koko, nanje ata gukeka nzobacuncuburira imvura ku gihe cayo, kandi igihugu kizotanga koko umwimbu waco, n’igiti co mw’itongo gitange icamwa caco. Kandi nzoshira amahoro mu gihugu, namwe muzokwiryamira koko, ata n’umwe abajugumiza; kandi nzoherengeteza mu gihugu ibikoko biryana, kandi inkota ntizoca mu gihugu canyu. Nzogendera koko hagati muri mwebwe, nerekane ko ndi Imana yanyu, namwe muzokwerekana ko muri abantu banje.” (Abalewi 26:3, 4, 6, 12) Abisirayeli bokwinovoye amahoro mu buryo bw’uko bokingiwe abansi babo, bakaronka umusesekara mu vy’umubiri kandi bakagiranira na Yehova ubucuti somambike. Ariko ivyo vyovanye n’ingene bumira kw’Itegeko rya Yehova.​—Zaburi 119:165.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 564

Ikiza

Cazanywe n’uko barenze Itegeko ry’Imana. Imana yaragabishije ihanga ry’Abisirayeli ko banse kwisunga isezerano bagiraniye, vyotumye ‘irungika ikiza hagati muri bo.’ (Lw 26:14-16, 23-25; Gus 28:15, 21, 22) Ivyanditswe vyose birerekana ko amagara, yaba ayo ku mubiri canke mu vy’impwemu, afitaniye isano n’umuhezagiro w’Imana (Gus 7:12, 15; Zb 103:1-3; Img 3:1, 2, 7, 8; 4:21, 22; Ivy 21:1-4), mu gihe indwara zifitaniye isano n’igicumuro be n’agasembwa. (Kv 15:26; Gus 28:58-61; Yes 53:4, 5; Mt 9:2-6, 12; Yoh 5:14) Ego ni ko vyarashitse Yehova ubwiwe arateza indwara abantu bamwebamwe bukwi na bukwi, nk’igihe yateza imibembe Miriyamu, Uziya na Gehazi. (Gh 12:10; 2Ng 26:16-21; 2Bm 5:25-27) Yamara biboneka ko mu bihe vyinshi indwara canke ibiza vyafashe umuntu canke ihanga, vyaba ari ibintu vyizanye kandi badashobora guhunga kubera icaha caba cakozwe. Baba gusa bimbuye ivyo babivye, imibiri yabo ikaba yashikirwa n’ingaruka zivuye ku nyifato yabo mbi. (Gl 6:7, 8) Ku vyerekeye abisutse mu ngeso zihumanye z’ubuhumbu, intumwa ivuga ko Imana “[yabahebeye] ubuhumane, kugira ngo imibiri yabo iteterezwe muri bo . . . bakaronka muri bo impembo ishitse, iyari ikwiranye n’ubuzimire bwabo.”​—Rm 1:24-27.

8-14 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUHARURA 1-2

“Yehova aratunganya neza abasavyi biwe”

w94 1/12 9 ing. 4

Gusenga Yehova bikwiye kugira ikibanza ikihe mu buzima bwacu?

4 Iyo uza kuraba aho Abisirayeli bakambitse mu bugaragwa uri hejuru, wari kubona iki? Wari kubona amahema menshi mugabo atondetse neza arimwo abantu nk’imiliyoni zitatu canke zirenga, bari mu migwi y’imiryango itatitatu mu buraruko, mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero. Wegereye kandi gato wari kubona amaja hagati na hagati iyindi migwi ine mitomito y’amahema, ikaba yabamwo abo mu miryango y’Abalewi. Hagati na hagati muri iyo kambi rero, ahantu hari hakikujwe n’igitambara, hari ikindi kintu kidasanzwe. Ico kintu ryari “ihema ry’ihuriro” ari yo taberenakulo, iryo Abisirayeli “b’umutima w’inkerebutsi” bari barubatse bisunze imigero Yehova yatanze.​—Guharūra 1:52, 53; 2:3, 10, 17, 18, 25; Kuvayo 35:10.

it-1 385 ing. 5

Ikambi

Iyo kambi ya Isirayeli yari nini cane. Abanditswe bose bari abagabo b’abarwanyi 603.550, ugaca ushirako abagore n’abana, abageze mu zabukuru n’abamugaye, Abalewi 22.000 hamwe rero n’“uruvange runini” rwa ba kavamahanga, bose hamwe bakaba kumbure bari imiliyoni 3 canke barenga. (Kv 12:38, 44; Gh 3:21-34, 39) Abantu bangana gutyo ntawuzi neza ingene uburinganire bw’aho bari bakambitse bwangana, kuko ibivugwa usanga bitandukanye cane. Igihe bakambika aharabana n’i Yeriko mu biyaya vya Mowabu, dusoma ko bava “i Beti-yeshimoti gushika i Abeli-shitimu.”​—Gh 33:49.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 767

Rusansuma

Ni ukwandika abantu, akenshi hakurikijwe amazina n’amamuko yabo, hisunzwe ingo n’imiryango. Birajamwo n’ibindi uretse itohoza risanzwe canke uguharura abantu bisanzwe. Ukwandika abagize ihanga kuvugwa muri Bibiliya wasanga kugirwa mu ntumbero zitandukanye, nko mu bijanye no gutoza ikori, gucagura abaja mu gisirikare canke (nk’uko vyagizwe ku Balewi) guhitamwo abazezwa ibikorwa kw’itaberenakulo.

15-21 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUHARURA 3-4

“Igikorwa c’Abalewi”

it-2 655 ing. 1

Umuherezi

Mu gihe c’isezerano ry’Itegeko. Igihe Abisirayeli bari mu buja mu Misiri, Yehova yarejeje abahungu bose b’imfura ba Isirayeli igihe yatikiza imfura z’Abanyamisiri mu cago kigira cumi. (Kv 12:29; Gh 3:13) Ivyo vyatumye nya mfura zicika iza Yehova kugira bamukorere mu murimo udasanzwe. Imana yari gushobora kugena abo bahungu b’imfura bose ngo babe abaherezi canke abitwararika itaberenakulo. Ariko yashinze ico gikorwa ab’igitsina-gabo bo mu muryango wa Lewi, kuko ari vyo vyari bihuye n’umugambi wayo. Ku bw’ivyo, yaremeye ko ihanga rifata Abalewi b’igitsina-gabo rikabasubiriza imfura z’igitsina-gabo zo mu yindi miryango 12 (abakomoka ku bahungu ba Yozefu ari bo Efurayimu na Manase bakaba bafatwa nk’imiryango ibiri). Rusansuma imwe yerekanye ko abahungu b’imfura 273 atari Abalewi, bamaze ukwezi kuduga, ari bo barenga ku gitigiri c’Abalewi b’igitsina-gabo. Imana rero yaciye isaba ko harihwa ikiguzi c’incungu kingana na shekeli zitanu (amadolari 11) kuri umwumwe wese muri abo 273, ayo mahera agahabwa Aroni n’abahungu biwe. (Gh 3:11-16, 40-51) Imbere y’uko ico kiguzi gitangwa, Yehova yari yaramaze gucagura abahungu bene Aroni bo mu muryango wa Lewi ngo abe ari bo baba abaherezi ba Isirayeli.​—Gh 1:1; 3:6-10.

it-2 133

Abalewi

Ibikorwa vyabo. Abalewi bari bagizwe n’imiryango itatu ikomoka kuri bene Lewi ari bo Gerishoni (canke Gerishomu), Kohati na Merari. (It 46:11; 1Ng 6:1, 16) Umwumwe muri iyo miryango warahawe ikibanza hafi y’itaberenakulo mu gahinga. Umuryango w’Abakohati bene Aroni bari bakambitse imbere y’iyo taberenakulo amaja mu buseruko. Abandi Bakohati bakambitse ku ruhande rwo mu bumanuko, Abagerishoni mu burengero, Abamerari na bo mu buraruko. (Gh 3:23, 29, 35, 38) Igikorwa c’Abalewi cari ico gushinga ihema, kuyishingura no kuyirerura. Igihe ikambi yaba igira igende, Aroni n’abahungu biwe baramanura ya rido yagabura Aheranda n’Aheranda Rwose, bagaca bayipfukisha isandugu y’igishingantahe, ibicaniro be n’ibindi bikoresho vyeranda. Abakohati ni bo baca barerura ivyo bintu. Abagerishoni batwara ibitambara vy’ihema, ibipfukisho, ibikingirizo, ibitambara bimanitse vy’ikigo be n’imigozi y’ihema (bikaba biboneka ko yari imigozi y’itaberenakulo ubwayo). Abamerari na bo bitwararika ibizingiti, inkingi, ivyicaro binogoye, imambo z’ihema be n’imigozi (ikaba yari imigozi yari irya n’ino y’ikigo c’itaberenakulo).​—Gh 1:50, 51; 3:25, 26, 30, 31, 36, 37; 4:4-33; 7:5-9.

it-2 133

Abalewi

Mu gihe ca Musa, ku myaka 30 ni ho Umulewi yarangura ibikorwa vyiwe vyose, nko gutwara itaberenakulo n’ibikoresho vyayo vyose igihe yaba iriko irimurwa. (Gh 4:46-49) Yarashobora gukora ibikorwa bimwebimwe ku myaka 25, ariko bisa n’aho bitaba bisaba inguvu nyinshi nko gutwara itaberenakulo. (Gh 8:24) Mu gihe c’Umwami Dawidi, iyo myaka yaragabanijwe gushika kuri 20. Imvo Dawidi yatanze yari iy’uko batosubira kurerura taberenakulo (iyociye isubirirwa n’urusengero). Ivyo bikorwa babwirizwa gukora, babihagarika bashikanye imyaka 50. (Gh 8:25, 26; 1Ng 23:24-26) Abalewi babwirizwa kuba abahanga mu bijanye na rya Tegeko, kubera ko kenshi basabwa kurisomera ku mugaragaro no kuryigisha abantu.​—1Ng 15:27; 2Ng 5:12; 17:7-9; Neh 8:7-9.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w06 1/8 23 ing. 13

Nube inkerebutsi mu gutinya Imana

13 Gufashwa na Yehova mu gihe c’amarushwa vyaratumye Dawidi arushiriza kumutinya no kumwizigira (Zaburi 31:22-24). Ariko rero, mu bihe bitatu bikomeye, vyarashitse ugutinya Imana kwiwe kuragoyagoya, ivyo bikaba vyaragize ingaruka zikomeye. Ubwa mbere, ugutinya Imana kwiwe kwaragoyagoye igihe yatunganya ivy’uko isandugu y’isezerano ya Yehova itwarwa i Yeruzalemu ku mukogote kandi yabwirizwa kugenda ireruwe n’Abalewi ku bitugu, nk’uko Ivyagezwe vy’Imana vyasaba. Igihe Uza, uwariko ayobora uwo mukogote, yatuma ukuboko ngo ayisame, yaciye agwa bukumbi ahowe “ico gicumuro” akoze. Ego ni ko, Uza yarakoze icaha gikomeye, yamara ku bwa ngingo, kuba Dawidi atubashe Ivyagezwe vy’Imana ni vyo vyatumye iryo bara rigwa. Uca ubona rero ko gutinya Imana birimwo no gukora ibintu duhuza n’indinganizo yashizeho.​—2 Samweli 6:2-9; Guharūra 4:15; 7:9.

22-28 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUHARURA 5-6

“Wokwigana gute Abanaziri?”

it-2 381-382

Umunaziri

Hari ibintu bitatu nyamukuru abagize indagano y’ubunaziri bari babujijwe: (1) Babwirizwa kwirinda ibinyobwa vyose biboreza; bakirinda kurya ikintu cose gikozwe mu nzabibu, zaba mbisi, izihiye canke izumye, no kunywa umutobe wazo uwo ari wo wose, waba mushasha, uwuhiye canke inkarihe. (2) Bategerezwa kutamwa umushatsi wo ku mutwe wabo. (3) Carazira ko bakora ku kiziga c’uwo ari we wese naho coba ari ic’incuti ya hafi nka se, nyina, mwenewabo canke mushiki we.​—Gh 6:1-7.

Indagano zidasanzwe. Umuntu agize iyo ndagano idasanzwe yategerezwa “kubaho ari umunaziri kuri Yehova” (ni ukuvuga yariyeguye, yashizwe ku ruhande), aho kurondera ko abantu bamutangarira kubera yihaya yuko abaho afise ivyo yiyima. Ahubwo nyabuna, “imisi yose y’Ubunaziri bwiwe [yaba] ari mweranda kuri Yehova.”​—Gh 6:2, 8; gereranya na It 49:26.

Ivyo Abanaziri basabwa rero, vyari bihambaye kandi bifise insobanuro idasanzwe mu gusenga Yehova. Umunaziri yafatwa cokimwe n’umuherezi mukuru, uwutashobora gukora ku kiziga c’umuntu n’umwe naho caba ari ic’incuti ya hafi kubera ibanga ryiwe ryeranda. Bivanye n’uburemere bw’amabanga ajanye n’ibikorwa vyabo, carazira ko umuherezi mukuru n’abandi baherezi banywa umuvinyu n’ibindi binyobwa biboreza igihe baba bariko bararangura ibikorwa vyabo vyeranda imbere ya Yehova.​—Lw 10:8-11; 21:10, 11.

Vyongeye, Umunaziri (mu Giheburayo, nazir) yari akwiye “[kuba] mweranda mu kureka umushatsi wo ku mutwe wiwe ugakura,” bigaca biba nk’ikimenyetso c’urugori catuma bose bihutira kubona Ubunaziri bwiwe bweranda. (Gh 6:5) Iryo jambo ry’igiheburayo nyene nazir ryarakoreshwa ku bijanye n’umuzabibu “udatuturiye” mu gihe c’Isabato nyeranda n’imyaka ya Yubile. (Lw 25:5, 11) Ka kabate k’inzahabu ko gitambara umuherezi mukuru yambara ku mutwe, kakaba kari gasaruweko amajambo avuga ngo “Ubweranda ni ubwa Yehova,” birashimishije kubona na ko nyene kitwa “ikimenyetso ceranda c’iyegurwa [mu Giheburayo, nézèr, rivuye muri rya jambo nyene nazir].” (Kv 39:30, 31) Muri ubwo buryo nyene, n’umugara canke urugori rwa cami abami ba Isirayeli barobanujwe amavuta bambara witwa nézèr. (2Sm 1:10; 2Bm 11:12) Intumwa iravuga ko mw’ishengero rya gikirisu, umugore yahawe umushatsi mu kibanza c’icambarwa co mu mutwe. Ni ikintu mu bisanzwe kimwibutsa ko afise ikibanza gitandukanye n’ic’umugabo. Akwiye kwibuka ko mu ntunganyo y’Imana asabwa kwama ayoboka. Ivyo bisabwa rero, nko kutamwa umushatsi (kikaba ari ikintu kitamenyerewe ku mugabo), kwirinda uherejeko umuvinyu no kuba uwudahumanye, vyaratuma Umunaziri atahura akamaro ko kwiyanka no kuyobokera Yehova muri vyose.​—1Kr 11:2-16.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 15/1 30 ing. 2

Ibibazo vy’abasomyi

Mugabo Samusoni yari Umunaziri mu bundi buryo. Imbere y’uko Samusoni avuka, umumarayika wa Yehova yabwiye nyina wiwe ati: “Ehe rāba, ugiye gusama inda, uvyare umwana w’umuhungu; kandi ntihaze hagire urupfuhe rumugera ku mutwe; kuk’uwo mwana azoba Umunaziri ku Mana uhereye akiva mu nda; kandi ni we azotangura kurokora Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya” (Abacamanza 13:5). Samusoni we nta ndagano y’Ubunaziri yagize. Ahubwo, Imana ni yo yamugenye kuba Umunaziri, kandi Ubunaziri bwiwe bwomaze ubuzima bwiwe bwose. Ivyo kubuzwa gukora ku muvyimba we ntivyamuraba. Iyo biba vyaramuraba hanyuma bigashika agakora ku muvyimba, yoshoboye gute gusubira gutangura ikiringo ciwe c’Ubunaziri bwomaze ubuzima bwiwe bwose kandi ubwo Bunaziri bwiwe bwatanguye kuva akivuka? Biboneka rero yuko ivyasabwa ku baba Abanaziri ubuzima bwabo bwose hari ukuntu vyari bitandukanye n’ivyasabwa ku baba Abanaziri bavyishakiye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika