“Amajambo ya kera cane kuruta ayandi azwi, yasubiwemwo akuwe mu bisomwa vya Bibiliya”
HARAHEZE imyaka 25 abacukuzi b’ivya kera bo muri Isirayeli bubuye ikintu c’agatangaza. Mw’isenga ryo ku mumanuko w’Umwonga wa Hinomu w’i Yeruzalemu ryashingurwamwo abapfuye, basanzeyo utuzingo dutoduto tubiri two mw’ifeza twanditseko ibisomwa vyo muri Bibiliya. Utwo tuzingo twari utwo mu gihe c’imbere y’uko Yeruzalemu isangangurwa n’Abanyababiloni mu 607 B.G.C. Ivyo bisomwa biri kuri utwo tuzingo vyasubiyemwo mu majambo imwe muri ya mihezagiro yanditswe mu Guharūra 6:24-26. Izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova, ryaboneka incuro nka zingahe kuri utwo tuzingo twompi. Utwo tuzingo twiswe ko ari “uduhingurano twa kera cane kuruta utundi two mu bihe vya kera dutekeye imirongo yakuwe muri Bibiliya y’igiheburayo”.
Ariko rero, incabwenge zimwezimwe ntizemeye ico gihe utwo tuzingo twandikiwemwo, ziraheza zishikiriza ivyiyumviro vy’uko twanditswe mu kinjana ca kabiri B.G.C. Imvo imwe yatumye zitemera nya gihe yari iy’uko amafoto ya mbere na mbere y’utwo tuzingo dutoduto cane atatuma umuntu ashobora gusuzuma neza bimwe binogangije utuntu dutoduto. Kugira ngo ingorane ijanye n’igihe twoba twarandikiwemwo itorerwe umuti, hari umugwi w’incabwenge waciye ugira irindi tohoza. Barakoresheje ubuhinga bugezweko mu vy’amafoto no mu vy’uguhingura amashusho hakoreshejwe orodinateri, kugira bakore amashusho y’utwo tuzingo meza cane yerekana neza utuntu dutoduto. Ivyavuye muri iryo tohoza rishasha biheruka gusohorwa. Uti none uwo mugwi w’incabwenge washitse ku biki?
Ubwa mbere na mbere, izo ncabwenge zirashimika ku vy’uko amakuru y’ivy’ubucukuzi ajanye n’aho utwo tuzingo twatowe ashigikira iciyumviro c’uko ari utwo mu gihe c’imbere ya kwa kujanwa mu bunyagano i Babiloni. Ivyigwa vyagizwe bijanye n’inyandiko za kera, ni ukuvuga ivy’ukugenekereza igihe indome zoba zarandikiwemwo bafatiye ku kuntu zimeze, ku kuntu zanditse, ukuntu zihagaze, ku kuntu uturongo twazo dukurikirana, be n’iyo twerekeza, vyarerekanye ko utwo tuzingo ari utwo muri ca kiringo nyene, ni ukuvuga mu mpera z’ikinjana c’indwi B.G.C. Ubwa nyuma, abari bagize uwo mugwi, baravye ibijanye n’ivy’inyandiko y’amajambo, bashitse kuri iki ciyumviro: “Amakuru ari muri utwo [tuzingo] ajanye n’inyandiko y’amajambo arahuye n’ibimenyamenya bijanye n’aho twacukuriwe be n’ibimenyamenya vyerekanwa n’ivyatohojwe ku vy’inyandiko za kera, ku vyerekeye igihe ivyanditswe kuri utwo tuzingo vyandikiwemwo”.
Ivyatohojwe kuri utwo tuzingo two mw’ifeza, utuzwi kandi ko ari ivyandiko vy’i Ketef Hinnom, ikinyamakuru kimwe (Bulletin of the American Schools of Oriental Research) kibivuga muri aya majambo avunaguye agira ati: “Gutyo, turashobora gusubira kwemeza ivyashitsweko n’incabwenge nyinshi yuko ivyanditswe kuri utwo tuzingo birimwo amajambo ya kera cane kuruta ayandi azwi, yasubiwemwo akuwe mu bisomwa vya Bibiliya”.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]
Isenga: Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.; utuzingo twanditseko: Ifoto yafashwe na © Israel Museum, Jerusalem; tuyikesha Israel Antiquities Authority