Niwironkere imihezagiro biciye ku Mwami ayobowe n’impwemu y’Imana!
“Impwemu ya Yehova izoba kuri we.”—YES. 11:2.
1. Abantu bamwebamwe baseruye gute ko barajwe ishinga n’ingorane zo mw’isi?
“MW’ISI yuzuyemwo akajagari mu vya politike, mu kibano no mu bidukikije, hari imyaka 100 yoba igisigaye abantu bakiriho?” Ivyo ni vyo umuhinga mu vy’imibumbe yitwa Stephen Hawking yabajije mu 2006. Hari ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (New Statesman) cavuze giti: “Ntitwakuyeho ubukene canke ngo tuzane amahoro mw’isi. Ahubwo riho, dusa n’abaranguye neza na neza igihushane cavyo. Si nk’aho tutagerageje. Ntako tutagize uhereye ku ntwaro za gikomunisita ugashika ku ntwaro zitanga ubwigenge mu vy’ubutunzi; uhereye kuri wa Muhari w’Amahanga ugashika kuri kwa kugwiza ibirwanisho ruhonyanganda mu buryo bwo kubuza intambara. Twararwanye ‘intambara nyinshi cane turondera gukuraho intambara,’ kugira ngo twiyemeze yuko tuzi ingene twokuraho intambara.”
2. Vuba Yehova agiye kwerekana gute uburenganzira afise bwo kuba Segaba w’isi?
2 Amajambo nk’ayo ntatangaza abasavyi ba Yehova. Bibiliya itubwira yuko abantu bataremwe kugira ngo bitegeke. (Yer. 10:23) Yehova ni we wenyene Segaba wacu abikwiriye. Kubera yuko ari ukwo ari, arafise uburenganzira bwo kudushingira ingingo mfatirwako, kwerekana intumbero ubuzima bwacu bukwiye kugira, no kutuyobora kugira ngo dushike kuri iyo ntumbero. Vyongeye, vuba agiye gukoresha ubukuru bwiwe kugira ngo ahagarike utwigoro twose abantu bagira barondera kwitegeka bikabata ku w’amazi. Muri ico gihe nyene, azotikiza abo bose batuma abantu baguma ari abaja b’icaha, b’agasembwa, be n’ab’“imana y’iki gihe” ari yo Shetani wa Mubesheranyi, mu gutera akagere uburenganzira Yehova afise bwo kuba Segaba.—2 Kor. 4:4.
3. Ni ibiki Yesaya yavuze imbere y’igihe ku bijanye na Mesiya?
3 Mw’isi nshasha y’Iparadizo, Yehova azokoresha ubusegaba bwiwe buranga urukundo ku bw’ineza y’abantu abicishije ku Bwami buzoba burongowe na Mesiya. (Dan. 7:13, 14) Ku bijanye n’Umwami wabwo, Yesaya yashikirije ubuhanuzi bugira buti: “Agashami kazoshamika ata kabuza ku gishitsi ca Yese; kandi mu mizi yiwe hazova umunago urondoka. Kandi impwemu ya Yehova izoba kuri we, impwemu y’ubukerebutsi n’ugutegera, impwemu y’impanuro n’ubushobozi, impwemu y’ubumenyi n’ugutinya Yehova.” (Yes. 11:1, 2) Ni mu buryo butandukanye ubuhe impwemu nyeranda y’Imana yatumye Yezu Kristu we ‘gashami ko ku gishitsi ca Yese,’ akwiza ibisabwa kugira ngo ategeke abantu? Ni imihezagiro iyihe izozanwa n’ubutegetsi bwiwe? Kandi dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuzokwironkere iyo mihezagiro?
Imana iratuma akwiza ibisabwa kugira ngo ategeke
4-6. Ni ubumenyi buhambaye ubuhe buzotuma Yezu ashobora kuba Umwami, Umuherezi Mukuru akaba n’Umucamanza w’inkerebutsi kandi w’umunyempuhwe?
4 Yehova yipfuza yuko abantu atwara baba abatagira agasembwa bayobowe n’Umwami, Umuherezi Mukuru, akaba n’Umucamanza w’inkerebutsi koko kandi w’umunyempuhwe. Ni co gituma Imana yahisemwo Yezu Kristu, uwo yafashije gukwiza ibisabwa ikoresheje impwemu nyeranda, kugira ngo arangura ayo mabanga ahambaye kuruta ayandi yose. Rimbura imvo zimwezimwe zizotuma Yezu arangura neza uruhara Imana yamushinze.
5 Yezu arazi neza cane Imana. Umwana w’ikinege aramaze igihe kirekire cane azi Se kuruta uwundi muntu wese, bikaba bishoboka ko amaze imyaka amamiliyaridi n’amamiliyaridi amuzi. Muri ico gihe cose, Yezu yaramenye Yehova bimwe bigera kure ku buryo vyashoboye kuvugwa yuko ari we “shusho y’Imana itaboneka.” (Kol. 1:15) Yezu ubwiwe yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.”—Yoh. 14:9.
6 Kubera ko Yezu ari we agira kabiri kuri Yehova, aratahura mu buryo bugera kure ivyaremwe vyose, harimwo n’abantu. Mu Bakolosayi 1:16, 17 hagira hati: “Biciye kuri we [ni ukuvuga ku Mwana w’Imana ni] ho ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka . . . Vyongeye, ni uw’imbere y’ibindi bintu vyose, kandi biciye kuri we ni ho ibindi bintu vyose vyabeshejweho.” Zirikana kuri ico kintu! Kubera ko Yezu yari “umukozi w’umuhanga” w’Imana yaragize uruhara mu kurema ibindi bintu vyose. Ku bw’ivyo, aratahura akantu kose kagize ibiriho vyose, harimwo n’ubwonko bw’umuntu butangaje. Ego cane, Kristu vy’ukuri ni ubukerebutsi bufashwe nk’umuntu!—Imig. 8:12, 22, 30, 31.
7, 8. Impwemu y’Imana yafashije gute Yezu mu busuku bwiwe?
7 Yezu yarobanujwe impwemu nyeranda y’Imana. Yavuze ati: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya, kwamamaza umwaka wemerwa wa Yehova.” (Luka 4:18, 19) Igihe Yezu yabatizwa, bisa n’uko impwemu nyeranda yamwibukije ibintu yari yarize imbere y’uko aba umuntu nkatwe, harimwo n’ivyo Imana yagomba ko arangura mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi ari Mesiya.—Soma Yesaya 42:1; Luka 3:21, 22; Yohani 12:50.
8 Kubera ko Yezu yahawe ububasha n’impwemu nyeranda akaba kandi yari afise umubiri n’ubwenge bitagira agasembwa, ntiyari umuntu gusa ahambaye kuruta ababaye kw’isi bose ariko kandi yari Umwigisha ahambaye kuruta abandi bose. Nkako, abamwumviriza “[bar]ajorezwa n’uburyo yigisha.” (Mat. 7:28) Kimwe coco, Yezu yari ashoboye gutahura ibintu bituma abantu bagira ingorane, ivyo na vyo akaba ari igicumuro, agasembwa, be n’ukutamenya ivy’Imana. N’ikindi kandi, yarashobora kumenya ibiri mu mitima y’abantu vy’ukuri maze akabafata yisunze ivyo bintu.—Mat. 9:4; Yoh. 1:47.
9. Ni gute kuzirikana ku vyashikiye Yezu igihe yari ng’aha kw’isi bituma urushiriza kumwizigira nka we Mutware?
9 Yezu yabayeho ari umuntu nkatwe. Ivyashikiye Yezu igihe yari umuntu nkatwe be n’ukuba yarifatanya cane n’abantu b’abanyagasembwa vyaramufashije cane gukwiza ibisabwa kugira ngo abe Umwami. Intumwa Paulo yanditse ati: “[Yezu] yabwirijwe gucika nka ‘bene wabo’ mu mice yose, ngo acike umuherezi mukuru w’umunyembabazi n’umwizigirwa mu vyerekeye Imana, kugira ngo atange ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vy’abantu. Kuko, kubera ko we ubwiwe yababajwe igihe yariko aragezwa, arashoboye gutabara abariko baragezwa.” (Heb. 2:17, 18) Kubera ko Yezu ‘yagejejwe,’ arashoboye gutahura abariko barashikirwa n’ikigeragezo. Impuhwe Yezu yari afise zaragaragara neza mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi. Abarwaye, ibimuga, impahazwa, eka mbere n’abana, baramwegera ata co binona. (Mrk. 5:22-24, 38-42; 10:14-16) Abatekereza be n’abashonje mu buryo bw’impwemu na bo nyene baramwiyegereza. Ariko rero, abishima, abagayana, be n’“[aba]tagira urukundo rw’Imana” muri bo baramwiyamiriza, bakamwanka, bakongera bakamurwanya.—Yoh. 5:40-42; 11:47-53.
10. Ni mu buryo buhambaye ubuhe Yezu yerekanye ko adukunda?
10 Yezu yaratwiguze. Kumbure ikimenyamenya gihambaye kuruta ibindi vyose c’uko Yezu abereye kuba Umutware, ni ukuba yari afise umutima ukunze wo kutwigura. (Soma Zaburi 40:6-10.) Kristu yavuze ati: “Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu yigura abagenzi biwe.” (Yoh. 15:13) Ego cane, mu buryo butandukanye n’abatware b’abanyagasembwa, abakunda kwiberaho mu bitayega kubera amahera atangwa n’abo batwara, Yezu we yaratanze ubuzima bwiwe bwite ku neza y’abantu.—Mat. 20:28.
Yarahawe ububasha kugira ngo atume abantu bungukira ku ncungu
11. Ni kubera iki twokwizigira duherejeko Yezu nka we Mucunguzi wacu?
11 Ese ukuntu bibereye kuba Yezu we Muherezi Mukuru ari we aja imbere mu vyo gutuma twungukira ku nkuka y’incungu yatanze! Nkako, mu gihe c’ubusuku bwa Yezu bwo ng’aha kw’isi, yaratweretse imbere y’igihe ivyo azokora ari Umucunguzi wacu mu gihe c’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi, ivyo tukaba dushobora kuvyungukirako nimba turi abizigirwa. Yarakijije abarwaye n’ibimuga, arazura abapfuye, aragaburira abantu amasinzi, eka mbere aragira ububasha ku nguvu zo mu bidukikije. (Mat. 8:26; 14:14-21; Luka 7:14, 15) Vyongeye, ivyo ntiyabigize kugira ngo yerekane mu buryo bwo gutangaza abantu ubukuru n’ububasha yari afise, ahubwo yabigize kugira ngo agaragaze impuhwe n’urukundo afise. Yabwiye umunyamibembe yariko aramwinginga ngo amukize, ati: “Ndabishaka.” (Mrk. 1:40, 41) Yezu azogaragaza izo mpuhwe nyene mu gihe ca ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi, mugabo ico gihe hoho azobigira kw’isi yose.
12. Amajambo ari muri Yesaya 11:9 azoranguka gute?
12 Kristu n’abazomufasha kuganza bazobandanya kandi igikorwa co kwigisha abantu ivy’Imana catangujwe na Yezu, ubu hakaba haciye imyaka nka 2.000. Gutyo, amajambo ari muri Yesaya 11:9 azoranguka, ano akaba agira ati: “Isi izokwuzurako koko ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga.” Nta gukeka ko muri iyo nyigisho iva ku Mana hazoba harimwo n’ubuyobozi bujanye n’ukuntu twobungabunga isi n’ivyaremwe umuyoro biri kuri yo, nk’uko Adamu yari yashinzwe kubigira mu ntango. Ya myaka 1.000 niyahera, umugambi Imana yari ifise mu ntango nk’uko uvugwa mw’Itanguriro 1:28 uzoba warangutse, kandi abantu bazoba bungukiye bimwe bishitse ku nkuka y’incungu.
Yarahawe ububasha kugira ngo ace imanza
13. Yezu yerekanye gute ko akunda ubugororotsi?
13 Kristu ni “Umwe yashirwaho n’Imana ngo abe umucamanza w’abazima n’abapfuye.” (Ivyak. 10:42) Ese rero ukuntu biduhumuriza kumenya yuko Yezu adapfa, ko ubugororotsi n’ubwizigirwa bumeze nk’umukaba ubohewe cane mu kiyunguyungu ciwe! (Yes. 11:5) Yarerekanye ko yanka umunoho, ubwiyorobetsi, be n’ibindi bintu bibi, kandi yaranka urunuka abantu batanegwa ingorane z’abandi. (Mat. 23:1-8, 25-28; Mrk. 3:5) Vyongeye, Yezu yarerekanye yuko adahendwa n’ibiboneka inyuma, “kuko we ubwiwe yari azi ikiri mu muntu.”—Yoh. 2:25.
14. Ni mu buryo ubuhe Yezu ariko arerekana ko akunda ubugororotsi n’ubutungane muri iki gihe, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?
14 Yezu arabandanya kwerekana ko akunda ubugororotsi n’ubutungane mu gucungera isekeza ryo kwamamaza no kwigisha rihambaye kuruta ayandi yose yigeze kugirwa kw’isi. Nta muntu n’umwe, nta ntwaro y’abantu n’imwe, eka kandi nta kiremwa c’impwemu c’ikibisha na kimwe bishobora guhagarika ico gikorwa ngo ntikirangurwe bimwe bishitse nk’uko Imana ivyipfuza. Gutyo, turashobora kwizigira duherejeko yuko Harumagedoni niyarangira, ubutungane bw’Imana buzoba bwiganje. (Soma Yesaya 11:4; Matayo 16:27.) Niwibaze uti: ‘Igihe ndi mu busuku, noba ngaragariza abantu agatima nk’ako Yezu yabagaragariza? Noba mpa Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi mu vyo mfise n’igihe nyene amagara yanje canke ukuntu ivyanje vyifashe vyoshobora gutuma ntakora ivyo nari nshoboye gukora?’
15. Ni igiki twoguma twibuka coshobora kudufasha guha Imana ibintu vyiza kuruta ibindi mu vyo dufise?
15 Tuzofashwa kugira ngo dushobore gukorera Imana tutiziganya nitwaguma twibuka yuko igikorwa co kwamamaza ari icayo. Ni yo yategetse ngo gikorwe; ni yo ikiyobora ibicishije ku Mwana wayo; kandi ni yo iha ububasha abakigiramwo uruhara ikoresheje impwemu nyeranda. Woba uha agaciro agateka ufise ko kuba umukozi akorana n’Imana hamwe n’Umwana wayo ayobowe n’impwemu? Ni nde wundi atari Yehova yoshobora gutuma abantu barenga imiliyoni indwi, benshi muri bo bakaba babonwa ko “batize kandi basanzwe,” babwira ubutumwa bw’Ubwami abantu bo mu bihugu 236?—Ivyak. 4:13.
Niwironse umuhezagiro biciye kuri Kristu!
16. Mw’Itanguriro 22:18 hashaka kwerekana iki ku bijanye n’umuhezagiro w’Imana?
16 Yehova yabwiye Aburahamu ati: “Biciye ku ruvyaro rwawe amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro kubera yuko wumvirije ijwi ryanje.” (Ita. 22:18) Ivyo bishaka kwerekana yuko abantu bakenguruka bashobora kwitegana igishika imihezagiro Uruvyaro Mesiya ruzozana, ivyo bakabigirana ukwizigira. Kandi barakorana umwete muri iki gihe bafise mu bwenge iyo mihezagiro.
17, 18. Ni igiki Yehova yasezeranye kivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 28:2, kandi ivyo bisobanura iki kuri twebwe?
17 Imana yarigeze kubwira uruvyaro rwa Aburahamu rwo mu buryo bw’umubiri, ni ukuvuga ihanga rya Isirayeli, iti: “Iyi mihezagiro yose [yo mw’isezerano ry’Itegeko] izokuzako iguhamvye, kuko uguma wumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe.” (Gus. 28:2) Ivyo nyene birashobora kubwirwa abasavyi b’Imana bo muri iki gihe. Nimba wipfuza kuronka umuhezagiro wa Yehova, “[nugume] wumviriza” ijwi ryiwe. Ni ho iyo mihezagiro yiwe ‘izokuzako ikaguhamvya.’ Ariko none ‘kwumviriza’ bisobanura iki?
18 Nta gukeka ko kwumviriza bisobanura gufata nka nkama ibivugwa mw’Ijambo ry’Imana be n’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu itanga. (Mat. 24:45) Bisobanura kandi kugamburukira Imana n’Umwana wayo. Yezu yavuze ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru.” (Mat. 7:21) Vyongeye, kwumviriza Imana bisobanura kuyoboka n’umutima ukunze intunganyo yashizeho, ni ukuvuga ishengero rya gikirisu hamwe n’abakurambere bagenywe, ari bo “ngabirano z’abagabo.”—Ef. 4:8.
19. Dushobora gute kuba mu bazoronka umuhezagiro?
19 Muri izo “ngabirano z’abagabo” harimwo abagize Inama Nyobozi, bano bakaba baserukira ishengero rya gikirisu ryose uko ryakabaye. (Ivyak. 15:2, 6) Nkako, ukuntu dufata bene wabo na Kristu bo mu buryo bw’impwemu ni co kintu nyamukuru kizokwerekana ingene tuzocirwa urubanza mu gihe ca ya makuba akomeye yimirije. (Mat. 25:34-40) Ku bw’ivyo, uburyo bumwe dushobora kuronka umuhezagiro ni mu gushigikira tudahemuka abarobanuwe b’Imana.
20. (a) Ni ibanga nyamukuru irihe “ingabirano z’abagabo” zijejwe? (b) Twokwerekana gute yuko duha agaciro abo bavukanyi?
20 Muri izo “ngabirano z’abagabo” harimwo kandi abagize amakomite y’amashami, abacungezi b’ingenzi be n’abakurambere b’amashengero, abo bose bakaba baragenywe n’impwemu nyeranda. (Ivyak. 20:28) Ibanga nyamukuru abo bavukanyi bajejwe ni iryo gukomeza abasavyi b’Imana ‘kugeza bose bashikiriye ubumwe mu kwizera no mu bumenyi butagira amakosa bw’Umwana w’Imana, bagashikira urugero rw’umugabo akuze, urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu.’ (Ef. 4:13) Ego ni ko, ni abanyagasembwa nkatwe twese. Naho ari ukwo, turihesha umuhezagiro igihe twakira neza ukuntu baturagira babigiranye urukundo kandi tukabikenguruka.—Heb. 13:7, 17.
21. Ni kubera iki vyihutirwa ko tugamburukira Umwana w’Imana?
21 Vuba Kristu azohagurukira ivy’isi mbi ya Shetani. Ivyo nivyashika, ubuzima bwacu buzoba buri mu maboko ya Yezu, kuko Imana yamuhaye uburenganzira bwo kurongora rya “sinzi rinini” ryari ryaravuzwe akarishikana ku “masôko y’amazi y’ubuzima.” (Ivyah. 7:9, 16, 17) Ku bw’ivyo rero, nimuze dukore uko dushoboye kwose ubu kugira ngo tuyobokere Umwami ayobowe n’impwemu ya Yehova, tubigiranye umutima ukunze kandi dukenguruka.
Wigiye iki kuri . . .
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 17]
Impuhwe za Yezu zaragaragaye igihe yazura ka gakobwa ka Yayiro
[Akajambo gasigura amafoto ku rup. 18]
Yezu Kristu ariko aracungera isekeza ryo kwamamaza rihambaye kuruta ayandi yose yigeze kugirwa