Ibibazo vy’abasomyi
Ni igiki dushobora kwigira kw’itegeko dusanga muri Kuvayo 23:19 rigira riti: “Ntimuze mutekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina”?
Iryo tegeko ryo mu Vyagezwe vya Musa, iriboneka incuro zitatu muri Bibiliya, rirashobora kudufasha gutahura ukuntu Yehova abona ikibereye, imbabazi ziwe, be n’ikibabarwe ciwe. Rirashira kandi ahabona ukuntu yanka urunuka ugusenga kw’ikinyoma.—Kuvayo 34:26; Gusubira mu vyagezwe 14:21.
Guteka umwagazi w’impene canke ikindi gitungwa mu mata ya nyina vyobaye biteye kubiri n’ukuntu Yehova asanzwe yaratunganije ibintu. Imana yatanze ayo mata kugira agaburire umwagazi yongere awufashe gukura. Incabwenge imwe yavuze ko guteka umwagazi w’impene mu mata ya nyina vyokwerekanye “ukutubaha ubucuti buri hagati y’igitungwa n’umwagazi waco bwashizweho kandi bwejejwe n’Imana”.
Ikigeretseko, hari abavuga ko guteka umwagazi mu mata ya nyina ushobora kuba wari umugenzo wa gipagani wagirwa mu ntumbero yo gutuma hagwa imvura. Asangwa ari ukwo vyari biri, iryo tegeko rero rishobora kuba ryarafasha mu bijanye no gukingira Abisirayeli imigenzo y’ivy’idini y’ubupfu kandi itaranga ikigongwe yagirwa n’amahanga yari abakikije. Ivyagezwe vya Musa vyarabuza Abisirayeli mu buryo butomoye kugendera mu migenzo y’ayo mahanga.—Abalewi 20:23.
Vyongeye, iryo tegeko riratwereka imbabazi zirangwa ikibabarwe za Yehova. Mu vy’ukuri, Ivyagezwe vyarimwo amategeko atari make nk’ayo yabuza gufata nabi ibitungwa be n’ayabuza gukora ibiteye kubiri n’ukuntu Yehova yashinze ko ibintu bikwiye kumera. Nk’akarorero, vyarimwo amategeko yabuza gushikana igitungwa kitaramarana na nyina n’imiburiburi imisi ndwi, kubaga igitungwa hamwe n’umwagazi waco ku musi umwe, no gufatira icarimwe mu cari inyoni n’amagi canke n’ivyana.—Abalewi 22:27, 28; Gusubira mu vyagezwe 22:6, 7.
Biribonekeza rero ko Ivyagezwe bitari birimwo gusa urusobangane rw’ivyo Yehova yari yarategetse gukora be n’ivyo yari yarabujije. Kimwe mu vyo twigira kuri ivyo Vyagezwe ni uko ingingo ngenderwako ziri muri vyo zituma tubona mu buryo buri hejuru ikibereye, bikaba bigaragaza vy’ukuri kamere nziza igitangaza za Yehova.—Zaburi 19:7-11.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 31]
© Timothy O’Keefe/Index Stock Imagery