ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr22 Nzero rup. 1-14
  • Amarabiro yo mu “gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu “gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu”
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2022
  • Udutwe
  • 3-9 NZERO
  • 10-16 NZERO
  • 17-23 NZERO
  • 24-30 NZERO
  • 31 NZERO–6 RUHUHUMA
  • 7-13 RUHUHUMA
  • 14-20 RUHUHUMA
  • 21-27 RUHUHUMA
  • 28 RUHUHUMA–6 NTWARANTE
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2022
mwbr22 Nzero rup. 1-14

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

3-9 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABACAMANZA 15-16

“Ubuhemu ni bubi cane!”

w12 15/4 8 ing. 4

Ubuhemu ni kimwe mu biranga imisi ya nyuma!

Ubwa mbere, rimbura ivyerekeye Delila wa munyaruyeri, uwari yarakunzwe na wa Mucamanza Samusoni. Samusoni yari afise intumbero yo kuyobora urugamba rwo kurwanya Abafilisitiya, arwanira abasavyi b’Imana. Kubera ko ba batware batanu b’Abafilisitiya bashobora kuba bari bazi ko Delila atakunda Samusoni urukundo rudahemuka, baramwemereye kumuha igipfukamunwa c’amahera menshi kugira ngo abibire akabanga k’aho Samusoni yakura inkomezi zidasanzwe yari afise maze bashobore kumwica. Uwo munyamwina Delila yaremeye, mugabo utwigoro yagize two kumenya akabanga ka Samusoni twarananiwe incuro zitatu. Yagumye rero amuremera ‘n’amajambo yiwe yongera aguma amugobera.’ Amaherezo, Samusoni “ntiyaba[ye] agishobora kwihangana gato.” Yaramubariye rero yuko umushatsi wiwe utari bwigere umobwa be n’uko uramutse umowe, yociye atakaza ububasha bwiwe. Kubera ko Delila yari amaze kumenya ako kabanga, yaramoye umushatsi wa Samusoni igihe yari asinziririye ku bibero vyiwe, maze amutanga ku bansi biwe ngo bamugire ico bashaka. (Abac. 16:4, 5, 15-21) Mbega ikintu kigayitse yakoze! Delila yaraguze umuntu yamukunda abitumwe gusa n’umwina.

w05 15/1 27 ing. 5

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abacamanza

14:16, 17; 16:16. Kuzigiriza umuntu mu kwiyuha iryosozi no mu guhoza ikintu mu kanwa birashobora kwonona ubucuti.​—Imigani 19:13; 21:19.

w12 15/4 11-12 ing. 15-16

Ubuhemu ni kimwe mu biranga imisi ya nyuma!

Abubatse bashobora gute kuba intahemuka ku bo bubakanye? Ijambo ry’Imana rigira riti: “Unezeranwe n’umugore [canke umugabo] wo mu buto bwawe” kandi, “[ubone] ubuzima uri kumwe n’umugore [canke umugabo] ukunda.” (Imig. 5:18; Umus. 9:9) Uko abubakanye biterera mu myaka, bategerezwa kwitwararikana “bimwe bishitse,” mu vy’umubiri no mu vy’inyiyumvo. Ivyo bisaba ko bategana yompi, bakamarana umwanya, bakongera bakarushiriza kwiyegerezanya. Bategerezwa kwihatira kuzigama umubano wabo w’ababiranye n’ubucuti bafitaniye na Yehova. Kugira ngo babishikeko, barakeneye kwiga Bibiliya bari kumwe, kuza barakorana mu busuku no gusenga bari kumwe basaba ko Yehova yobahezagira.

NUGUME URI INTAHEMUKA KURI YEHOVA

Hariho abantu bo mw’ishengero bakoze ibicumuro bikomeye hanyuma barakangirwa “[bahambarirwa], kugira ngo bagire amagara meza mu kwizera.” (Tito 1:13) Kuri bamwe, vyarabaye ngombwa ko bacibwa kubera inyifato yabo. Ku “bamenyerejwe [n’ukwo gutozwa indero],” kwarabafashije gusubirana mu vy’impwemu. (Heb. 12:11) Tuvuge iki mu gihe incuti yacu canke umugenzi wacu somambike aciwe? Ico gihe tuba duhanganye n’ikigeragezo kijanye no kuba intahemuka kuri uwo muntu canke kuba intahemuka ku Mana; mugabo tubwirizwa kuba intahemuka ku Mana. Yehova aba ariko aratwihweza kugira ngo arabe nimba tuzokwisunga itegeko ryiwe ritubuza kwifatanya n’umuntu yaciwe.​—Soma 1 Abakorinto 5:11-13.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 15/3 27 ing. 6

Samusoni atahukana intsinzi ku bw’inkomezi za Yehova!

Samusoni yari atumbereye gusa umugambi wiwe, na wo ukaba wari ukurwanya Abafilisitiya. Icatumye aja kurara ku nzu y’imaraya imwe i Gaza kwari ukugira ngo ashitse umugambi wiwe wo kurwanya abansi b’Imana. Samusoni yari akeneye aho arara mu gisagara c’umwansi, aho hantu akaba yashoboye kuharonka mu nzu y’imaraya. Samusoni nta ntumbero z’ivy’ubushegabo yari afise. Yavuye mu nzu ya nya mugore mu gicugu, afata inzugi z’irembo z’igisagara n’ibikingi vy’irembo, abidugana ku mpinga y’umusozi urabana n’i Heburoni wari nko ku bilometero 60. Ivyo yabikoze ashigikiwe n’Imana kandi afashijwe n’inkomezi zayo.​—Abacamanza 16:1-3.

10-16 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABACAMANZA 17-19

“Kurenga kw’itegeko ry’Imana birakwega ingorane”

it-2 278

Mika

Umugabo wo muri Efurayimu. Mika yararenze ibwirizwa ry’umunani muri ya Mabwirizwa cumi. (Kv 20:15) Yarivye nyina wiwe ibice 1.100 vy’ifeza. Igihe yabwira nyina wiwe ko ari we yabitwaye maze akabimusubiza, nyina wiwe yaciye amubwira ati: “Emwe, ntegerezwa kwereza Yehova izi feza zivuye mu kuboko kwanje ku bw’umuhungu wanje, kugira ngo hakorwe igishusho c’ikibazano n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe; ubu rero ngira ndazigusubize.” Nyina wiwe yaciye afata ibice 200 vy’ifeza abishira umucuzi w’ifeza, na we aca “akora igishusho c’ikibazano n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe.” Ivyo bishusho vyahavuye biba mu nzu ya Mika. Mika, uwari afise “inzu y’imana,” yarakoze efodi na terafimu yongera yuzuza ububasha umwe mu bahungu biwe ngo amubere umuherezi. Naho ivyo vyose Mika ashobora kuba yabikoze afise intumbero yo gutera iteka Yehova, ntivyari bibereye na gato kuko vyarenga kw’itegeko ry’Imana ribuza gusenga ibigirwamana, (Kv 20:4-6) bikaba kandi vyari binyuranye n’intunganyo ya Yehova y’itaberenakulo n’ubuherezi. (Abc 17:1-6; Gus 12:1-14) Mu nyuma, Mika yarahaye impera umusore umwe w’Umulewi yitwa Yonatani akomoka kuri Gerishomu mwene Musa, amuzana iwe ngo amubere umuherezi. (Abc 18:4, 30) Mika vyaramuhimbaye naho kwari ukwihenda, aca avuga ati: “Ubu ndamenye koko yuko Yehova azongirira neza.” (Abc 17:7-13) Ariko Yonatani ntiyakomoka mu muryango wa Aroni, akaba rero atari akwije ibisabwa vyo kuba umuherezi. Ivyo nta kindi vyakoze atari ukwunyura ikosa rya Mika.​—Gh 3:10.

it-2 278 ing. 8

Mika

Inyuma y’aho gato, Mika n’abandi bantu baromye inyuma bene Dani. Bamaze kubahamvya, barababajije ikibagenza, Mika aca yishura ati: “Imana zanje nahinguye mwazitwaye, n’umuherezi muratwara, muraheza muragenda; none nsigaranye iki?” Bene Dani baciye babwira Mika ko bomugirira nabi hamwe yobandanya kubakurikira no kubabwira amajambo yo kubarwanya. Mika yaciye asubira inyuma kubera yabonye ko bene Dani bari bakomeye kubarusha. (Abc 18:22-26) Mu nyuma bene Dani barateye Layishi barayiturira baca bahubaka igisagara ca Dani. Yonatani n’abahungu biwe baciye baba abaherezi ba bene Dani. Bene Dani barafashe ca “gishushanyo c’ikibazano ca Mika, ico yari yarahinguye, baguma bagishinze imisi yose inzu y’Imana y’ukuri [itaberenakulo] yabandanije kubaho i Shilo.”​—Abc 18:27-31.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w15 15/12 10 ing. 6

Bibiliya yahinduwe mu buryo bworoshe gutahura

Ibimenyamenya vy’uko izina ry’Imana rikwiye kugumizwa muri Bibiliya ntivyagabanutse ahubwo vyarongerekanye. Ya Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu 2013 irimwo iryo zina incuro 7.216, hakaba hiyongeyeko incuro 6 ugereranije n’iyasohowe mu 1984. Zitanu muri izo ncuro tuzisanga muri 1 Samweli 2:25; 6:3; 10:26; 23:14, 16. Iryo zina ryasubijwe aho hantu canecane kubera ya mizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu irimwo iryo zina muri iyo mirongo, ikaba yabayeho imyaka irenga 1.000 imbere y’igisomwa c’Abamasoreti cisunzwe mu guhindura Bibiliya y’isi nshasha. Ahantu hagira gatandatu iryo zina ryasubijwe ni mu Bacamanza 19:18, bikaba vyagizwe hisunzwe ubundi bushakashatsi bwagizwe ku vyandikano vy’iminwe vya kera.

17-23 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABACAMANZA 20-21

“Nugume usaba Yehova ubuyobozi”

w11 15/9 32 ing. 2

Woba ushobora kwigana Finehasi igihe ushikiwe n’ibintu bitoroshe?

Inyuma y’aho incoreke imwe y’umugabo w’Umulewi ifatiwe ku nguvu ikongera ikagandagurwa n’abagabo b’i Gibeya, bano bakaba bari abo mu muryango wa Benyamini, iyindi miryango yaciye irondera gutera Ababenyamini. (Abac. 20:1-11) Imbere y’uko iyo miryango ibarwanya yarasenze Yehova imusaba ngo ayifashe, ariko yaratsinzwe incuro zibiri, abantu bayo benshi bakaba barahasize ubuzima. (Abac. 20:14-25) Boba bari kwiyumvira ko amasengesho yabo ata co yabamariye? Yehova yoba yaripfuza vy’ukuri ko bakosora ico kibi cari cakozwe?

w11 15/9 32 ing. 4

Woba ushobora kwigana Finehasi igihe ushikiwe n’ibintu bitoroshe?

Ni icigwa ikihe none twohakura? Ingorane zimwezimwe zishika mw’ishengero usanga zigumaho naho abakurambere baba bagize utwigoro dukomeye bakongera bagasenga basaba ko Imana yofasha. Mu gihe ivyo bishitse, vyoba vyiza abakurambere bibutse amajambo ya Yezu agira ati: “Mugume musaba [canke musenga], muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa.” (Luka 11:9) N’igihe nyene isengesho ryosa n’iritevye kwishurwa, abacungezi barashobora guhera amazinda yuko Yehova azoryishura ku gihe we abona ko kibereye.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w14 1/5 11 ing. 4-6

Wari ubizi?

Umugozi wo guteresha ibuye wakoreshwa gute mu ntambara za kera?

Umugozi wo guteresha ibuye ni co kirwanisho Dawidi yakoresheje mu kwica ca kigatanya Goliyati. Biboneka ko Dawidi yize gukoresha ico kirwanisho mu myaka yamaze ari agahungu k’akungere.​—1 Samweli 17:40-50.

Umugozi wo guteresha ibuye uraboneka mu mashusho y’utugenegene tw’Abanyamisiri n’Abashuri bo mu bihe vya kera. Ico kirwanisho cari kigizwe n’agashato canke akaremo bapfundikako imigozi ibiri, nka kurya kw’itopito. Nyene gutera yashira muri ako gashato ibuye risenye canke ryiburungushuye, ry’amagarama nka 250 n’ubwaguke bwa santimetero 5 gushika kuri 7,5. Yaca rero azunguriza uwo mugozi hejuru y’umutwe wiwe maze akarekura umwe muri ya migozi ibiri, rya buye rigaca rigenda n’inguvu nyinshi kandi rikagema.

Abahinga bacukuye mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu baratoye igitigiri kinini c’amabuye yatereshejwe umugozi mu ntambara zo mu bihe vya kera. Abarwanyi bakanongoreye bashobora kuba baratera ayo mabuye ku muvuduko w’ibilometero 160 gushika ku 240 kw’isaha. Abahinga ntibahuza ku vy’uko umugozi wo guteresha ibuye woba warashika kure nk’umuheto, ariko rero nta gukeka ko na wo nyene washobora kwica.​—Abacamanza 20:16.

24-30 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | RUSI 1-2

“Nugaragaze urukundo rudahemuka”

w16.02 14 ing. 5

Twigane abagenzi somambike ba Yehova

Rusi yari gushobora kwiyumvira bitagoranye yuko yari afise umuryango i Mowabu, ni ukuvuga nyina be n’izindi ncuti bari kwitwararika uwo mupfakazi akiri muto, bakamuronsa ivyo akeneye. Mowabu cari igihugu ciwe c’amavukiro. Yari amenyereye imico yaho, ururimi rwaho n’abantu baho. Ivyo nta vyo Nawomi yari kumuronsa i Betelehemu. Nkako, yahanuye Rusi kuguma i Mowabu. Nawomi yarabona ko atari gushobora kuronsa abo bakazana biwe abagabo canke aho baba. None Rusi yari gukora iki? Raba itandukaniro ryari hagati yiwe na Orupa, “[uwa]subiye mu bantu b’iwabo no ku mana ziwe.” (Rusi 1:9-15) Rusi yoba yarashaka gusubira kuri izo mana z’ikinyoma ab’iwabo basenga? Uwokubesha.

w16.02 14 ing. 6

Twigane abagenzi somambike ba Yehova

Bisa n’uko Rusi yari yaramenye Yehova, kumbure biciye ku wahoze ari umugabo wiwe canke kuri Nawomi. Yehova ntiyari ameze nk’imana za Mowabu. Rusi yari azi ko Yehova ari we akwiye gukunda no gusenga. Ariko rero, ubwo bumenyi ntibwari buhagije. Rusi yategerezwa gufata ingingo. Yoba yari guhitamwo Yehova ngo abe Imana yiwe? Rusi yahisemwo neza. Yabwiye Nawomi ati: “Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje.” (Rusi 1:16) Urwo Rusi yakunda Nawomi rurakora ku mutima igihe umuntu aruzirikanyeko, mugabo igikora ku mutima kuruta ni urwo yakunda Yehova. Bowazi na we nyene yarakozwe ku mutima ku buryo mu nyuma yashimagije Rusi kuba yarondereye ubuhungiro munsi y’amababa ya Yehova. (Soma Rusi 2:12.) Ivyo vyoshobora kutwibutsa akana k’inyoni gahungiye munsi y’amababa ya nyina wako akomeye kugira agakingire. (Zab. 36:7; 91:1-4) Yehova na we nyene yarabereye Rusi ubuhungiro. Yaramuhaye impera kubera ukwizera kwiwe kandi Rusi ntiyigeze yicuza ku ngingo yari yarafashe.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 1/3 27 ing. 1

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Rusi

1:13, 21​—Yehova yoba ari we yatumye ubuzima bubera Nawomi umururazi aba ari na we amuteza ivyago? Oya. Vyongeye Nawomi nta kintu na kimwe kibi yagirije Imana. Ariko rero, aravye ibintu vyose vyari vyaramushikiye, yiyumviriye yuko Yehova yamurwanya. Yumvise agize umujinya yumva kandi avunitse umutima. Vyongeye, muri iyo misi kuvyara abana vyabonwa nk’umuhezagiro uva ku Mana, kugumbaha na vyo bikabonwa nk’umuvumo. Kubera ko Nawomi atari afise abuzukuru, abahungu biwe babiri na bo bakaba bari barapfuye, ashobora kuba yabonye ko afise imvo yumvikana yo kwiyumvira ko Yehova yari yaramutetereje.

31 NZERO–6 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | RUSI 3-4

“Niwiheshe izina ryiza kandi urigumane”

w12 1/10 22 ing. 5

“Umugore w’agahebuza”

Bowazi yaciye amwishura; nta gukeka yuko ijwi ritoyi kandi rihumuriza yakoresheje ryatumye Rusi asubiza umutima mu nda. Yamubwiye ati: “Uragahezagirwa na Yehova, mukobwa wanje. Werekanye neza ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ubu kuruta ubwa mbere, mu kudakurikira imisore, yaba iyiciye bugufi canke iyitunze.” (Rusi 3:10) Mu kuvuga ngo “ubwa mbere,” Bowazi yashaka kuvuga urukundo rudahemuka Rusi yagaragarije Nawomi mu kumuherekeza igihe yasubira muri Isirayeli akongera akamwitwararika. Mu kuvuga ngo “ubu” na ho yashaka kuvuga urukundo rudahemuka Rusi yari agaragaje ico gihe ku bijanye na Bowazi. Bowazi yarabona ko vyari vyoroshe ko umugore akiri muto nka Rusi aronderera umugabo mu misore itunze canke ikenye. Mugabo Rusi ntiyashaka gukorera iciza Nawomi gusa ariko yashaka no kugikorera umugabo wa Nawomi yari yarapfuye, kugira ngo izina ry’uwo muhisi ntirizimangane mu gihugu ciwe c’amavukiro. Ntibigoye kubona igituma Bowazi yakozwe ku mutima n’agatima kazira ubwikunzi uwo mugore akiri muto yari afise.

w12 1/10 23 ing. 1

“Umugore w’agahebuza”

Ese ukuntu Rusi yumva akamwemwe yibutse ivyo Bowazi yari yamubwiye yuko abantu bose bari bazi ko yari “umugore w’agahebuza”! Nta nkeka yuko ishaka uwo mukenyezi yari afise ryo kumenya Yehova no kumukorera riri mu bintu nyamukuru vyatumye avugwa neza gutyo. Vyongeye, yari yaragaragarije ubuntu bwinshi Nawomi n’abo mu gihugu ciwe yongera arabitaho cane mu kwemera kubaho yisunga imico n’imigenzo atari amenyereye namba. Nitwigana ukwizera kwa Rusi, bizotuma turondera kwubaha abandi no kwubahiriza imico n’imigenzo yabo. Tubigize, vyoshobora gutuma na twebwe tuvugwa neza bihebuje.

w12 1/10 24 ing. 3

“Umugore w’agahebuza”

Bowazi yaciye acura Rusi. Inyuma y’aho, inkuru yigana ivyiwe ivuga iti: “Yehova amuha gusama inda hanyuma avyara umuhungu.” Abagore b’i Betelehemu barahezagiye Nawomi bongera barashimagiza Rusi bavuga ko arutira Nawomi abahungu ndwi. Iyo nkuru ivuga ko uwo muhungu wa Rusi yahavuye aba sekuruza wa wa mwami ahambaye Dawidi. (Rusi 4:11-22) Dawidi na we yahavuye aba sekuruza wa Yezu Kristu.​—Matayo 1:1.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 1/3 29 ing. 3

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Rusi

4:6​—Ni mu buhe buryo umucunguzi yashobora ‘kudabanganya’ ishamvu yiwe igihe yemeye kuba umucunguzi? Ubwa mbere hoho, niba vyarashitse umuntu agakena hanyuma akagurisha itongo ryiwe, umucunguzi yabwirizwa gusohora amahera kugira ngo agure nya tongo ku giciro cashingwa bafatiye ku myaka yaba isigaye ngo iyindi Yubire ishike (Abalewi 25:25-27). Ivyo vyaragabanya agaciro k’itongo ryiwe bwite. Vyongeye, Rusi aramutse avyaye umuhungu, uwo muhungu ni we yotoranye iryo tongo, ah’uko ritoranwa n’iyindi ncuti ya hafi ya nyene kumucungura.

7-13 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 1-2

“Nusukire Yehova ibiri mu mutima wawe mw’isengesho”

ia 55 ing. 12

Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho

Hana rero yarasigiye abasavyi b’Imana bose akarorero mu bijanye n’isengesho. Yehova abigiranye umutima mwiza, aratumira abantu biwe ngo bamuyagire akari ku mutima ata kwitinya, mu gusuka imbere yiwe ibibaraje ishinga nka kurya kw’umwana yizigira umuvyeyi w’umunyarukundo. (Soma Zaburi 62:8; 1 Abatesalonika 5:17.) Intumwa Petero yarahumekewe kwandika aya majambo ahumuriza ajanye n’ugutura isengesho Yehova agira ati: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”​—1 Pet. 5:7.

w07 15/3 16 ing. 5

Ukuntu Hana yaronse amahoro yo mu mutima

Ni igiki dushobora kwigira kuri ivyo vyose? Igihe dusenga Yehova tumubwira ibituraje ishinga, twomumenyesha ukuntu twiyumva tukongera tukagira ivyo tumusavye tubikuye ku mutima. Nimba ata kindi kintu twoshobora gukora kugira dutorere umuti iyo ngorane, dukwiye guca tuyirekera mu maboko yiwe. Nta kindi kintu twokora coza kiruta ico.​—Imigani 3:5, 6.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 15/3 21 ing. 5

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Mbere

2:10​—Ni kubera iki Hana yasenze asaba yuko Yehova “[y]oha inkomezi umwami wiwe” kandi ata mwami w’umuntu yaganza Isirayeli? Ivy’uko Abisirayeli boronse umwami w’umuntu vyari vyaravuzwe imbere y’igihe mu Vyagezwe vya Musa (Gusubira mu vyagezwe 17:14-18). Mu buhanuzi Yakobo yashikirije ari ku mpfiro, yavuze ati: “Icumu ry’ubugabe [ikimenyetso c’ubutegetsi bwa cami] ntirizova kuri Yuda” (Itanguriro 49:10). Vyongeye, ku vyerekeye inakuruza w’Abisirayeli ari we Sara, Yehova yavuze ati: “Abami b’amoko bazokomōka kuri we” (Itanguriro 17:16). Rero, Hana yariko asenga ku vyerekeye umwami wo muri kazoza.

14-20 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 3-5

“Yehova aritwararikana”

w18.09 24 ing. 3

Naho ari Mushoboravyose, aritwararikana

Samweli yatanguye ‘gukorera Yehova’ kw’itaberenakulo akiri muto cane. (1 Sam. 3:1) Umusi umwe mw’ijoro Samweli yamaze kuryama, hari ikintu kidasanzwe cabaye. (Soma 1 Samweli 3:2-10.) Yagiye yumva ijwi rimuhamagara mw’izina. Kubera ko yiyumviriye yuko ari umuherezi mukuru Eli amuhamagaye, Samweli yaciye yiruka iyo ari avuga ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye.” Eli yarahakanye ko atari yamuhamagaye. Ivyo bimaze kuba izindi ncuro zibiri, Eli yaciye atahura ko ari Imana yariko ihamagara Samweli. Yaciye rero abwira ako gahungu ingene kokwishura, kandi Samweli yaramwumviye. Kubera iki none Yehova atihishuriye Samweli mu ntango? Bibiliya nta co ibivugako, ariko birashoboka ko yabigenjeje gutyo kubera ko yitwararitse Samweli. Uti gute?

w18.09 24 ing. 4

Naho ari Mushoboravyose, aritwararikana

Soma 1 Samweli 3:11-18. Yehova yategetse abana gusonera abitereye mu myaka, canecane abafise ubukuru. (Kuv. 22:28; Lew. 19:32) Woba wibaza ko Samweli yari kuzinduka ashikiriza Eli ubwo butumwa bukaze bw’Imana ata gutinya? Eka data! Nk’uko iyo nkuru ibivuga, “Samweli yaratinya kwiganira Eli ivyo yari yeretswe.” Ariko rero, Imana yareretse neza Eli ko ari yo yariko irahamagara Samweli. Ivyo vyatumye Eli asaba Samweli ngo amumenyeshe ivyo Yehova yamubwiye. Yamubariye ati: “[Ntugire] ijambo umpisha mu majambo yose yakubwiye.” Samweli yaragamburutse “amwiganira rero nya majambo yose.”

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 15/3 21 ing. 6

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Mbere

3:3​—Samweli yoba vy’ukuri yaryama Ahera Cane? Eka si ho yaryama. Samweli yari Umulewi wo mu muryango wa Kohati utari uw’abaherezi (1 Ngoma 6:33-38). Kubera ico, ntiyari arekuriwe ‘kwinjira ngo yitegereze ivyera’ (Guharūra 4:17-20). Ahantu honyene h’ihema Samweli yari arekuriwe gushika hari mu kigo c’ihema. Aho ni ho ategerezwa kuba yararyama. Biboneka yuko na Eli yaryama mu kigo. Imvugo ngo “ah’isandugu y’Imana [ya]ba”, biboneka yuko yerekana ahantu itaberenakulo yari.

21-27 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 6-8

“Umwami wawe ni nde?”

it-2 827 ing. 1

Ubwami bw’Imana

Bisabira umwami. Haciye nk’imyaka 400 Abisirayeli bavuye mu Misiri n’imyaka irenga 800 Imana igiraniye isezerano na Aburahamu, Abisirayeli barisabiye umwami nk’uko n’ayandi mahanga yari afise abami. Ico kintu basavye cerekanye ko banse ko Yehova ababera Umwami. (1Sm 8:4-8) N’ivy’ukuri ko abo bantu bari biteze ko Imana yoshizeho ubwami mu buryo buhuye n’ivyo yari yarasezeraniye Aburahamu na Yakobo, nk’uko twamaze kubivuga. Hariho n’izindi mvo zatuma bagira ico cizigiro. Aho twovuga nk’ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro bwerekeye Yuda (It 49:8-10), amajambo Yehova yabwiye Abisirayeli inyuma y’aho baviriye mu Misiri (Kv 19:3-6), ivyari mw’isezerano ry’Itegeko (Gus 17:14, 15), eka mbere na bumwe mu butumwa Balamu yavuze bivuye ku Mana (Gh 24:2-7, 17). Hana nyina wa Samweli yaraseruye mw’isengesho ko afise ico cizigiro. (1Sm 2:7-10) Ariko rero, Yehova ntiyari bwahishure neza “ibanga ryeranda” ryerekeye ubwo bwami, eka kandi ntiyari bwavuge igihe yoshingiye ubwo bwami. Ntiyari bwavuge n’abobaye babugize canke aho bwobaye buri, nimba hobaye ari mw’ijuru canke kw’isi. Kuba rero abo bantu bariko barisabira umwami, kwari ukwita imbere.

w11 1/1 27 ing. 2

Yarihanganiye ibintu bivuna umutima

Raba uko Yehova yishuye aho Samweli amariye kumutura ico kibazo mw’isengesho. Yavuze ati: “Niwumvirize ijwi ry’abo bantu ku vyo bakubwira vyose; kuko atari wewe banse, mugabo ni jewe banse ngo sindababere umwami.” Ayo majambo yarahumurije cane Samweli, ariko ntiworaba ukuntu cari igitutsi gikomeye ku Mana Musumbavyose! Yehova yaciye abwira uwo muntu avugisha ngo aburire Abisirayeli, bamenye ayo bokwiboneye baramutse baronse umwami w’umuntu nka bo. Samweli ahejeje kubibabwira, baciye bavuga bashimitse bati: “Oya, ahubwo umwami ni we azotuganza.” Samweli utanka yaciye agamburukira Imana nk’uko yamye, aragenda arobanuza amavuta umwami Yehova yashimye.​—1 Samweli 8:7-19.

w10 15/1 30 ing. 9

Uburyo Yehova ategeka buremezwa ko ari bwo bubereye!

Kahise karerekanye yuko iyo mburi ya Yehova ari iy’ukuri. Gutegekwa n’umwami w’umuntu vyatumye muri Isirayeli haba ingorane zikomeye na canecane igihe uwo mwami yaba yerekanye ko atari umwizigirwa. Dufise mu muzirikanyi ako karorero k’Abisirayeli, ntibitangaje kubona mu myaka n’iyindi ihaciye ubutegetsi bw’abantu batazi Yehova bwarananiwe gutuma haboneka ivyiza biramba. Ni ivy’ukuri ko abanyapolitike bamwebamwe basaba ko Imana ihezagira utwigoro bagira barondera gushikira amahoro n’umutekano, ariko none Imana ishobora gute guhezagira abantu batayoboka uburyo itegeka?​—Zab. 2:10-12.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w02 1/4 22 ing. 13

Ni kuki wobatizwa?

Uguhindukira gutegerezwa kuba imbere yuko tubatizwa ngo tube Ivyabona vya Yehova. Uguhindukira ni igikorwa umuntu agira avyishakiye, yafashe ingingo n’umutima wiwe wose yo gukurikira Kirisitu Yezu. Abantu nk’abo bariyamiriza ingendo mbi bahoramwo kandi bakiyemeza gukora ibigororotse mu nyonga z’Imana. Mu Vyanditswe, amavuga y’Igiheburayo n’ay’Ikigiriki ajanye no guhindukira afise insobanuro yo gutera umugongo, guca kure. Ico gikorwa cerekana uguhindukirira Imana ukava mu nzira mbi. (1 Abami 8:33, 34) Uguhindukira gusaba “gukora ibikorwa bikwiranye n’ukwi[gay]a.” (Ivyakozwe 26:20) Bisaba yuko duheba ugusenga kw’ikinyoma, tugakora ibihuje n’amabwirizwa y’Imana, kandi tugakora ibiranga ko twibanda kuri Yehova. (Gusubira mu Vyagezwe 30:2, 8-10; 1 Samweli 7:3) Guhindukira kuva ku mahinduka tugira mu vyiyumviro vyacu, mu migambi twishingira no kuri kamere yacu. (Ezekiyeli 18:31) ‘Turahindukira’ tugaheba ingeso zidahimbara Imana tukazisubiriza wa muntu mushasha.​—Ivyakozwe 3:19; Abanyefeso 4:20-24; Ab’i Kolosayi 3:5-14.

28 RUHUHUMA–6 NTWARANTE

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 9-11

“Mu ntango Sauli yaricisha bugufi kandi akifata ruto”

w20.08 10 ing. 11

Nugendane n’Imana yawe wicishije bugufi kandi wifashe ruto

Zirikana ivyashikiye Umwami Sauli. Mu ntango, yari umusore yifata ruto. Yarikengera, mbere akanagonanwa gushingwa amabanga yiyongereye. (1 Sam. 9:21; 10:20-22) Ariko mu nyuma, Sauli yahavuye agira agatima ko kwita imbere. Haciye igihe gito abaye umwami, ako gatima ntikatevye kwigaragaza. Igihe kimwe, vyaramunaniye kwihangana ngo arindire umuhanuzi Samweli. Aho kwifata ruto ngo yizigire ko Yehova yogize ico akoreye abasavyi biwe, Sauli yarashikanye ikimazi giturirwa naho atari abirekuriwe. Ivyo vyatumye Yehova amuraba ribi, mu nyuma na ho aramukura ku ngoma. (1 Sam. 13:8-14) Vyoba vyiza tugize ico twigira kuri ako karorero ko kutuburira, maze tukirinda gukora ivyo tudafitiye uburenganzira.

w14 15/3 9 ing. 8

Ingene twoguma dufise agatima ko kwitanga

Umwami Sauli wa Isirayeli ni akarorero ko kutuburira ku bijanye n’ukuntu ubwikunzi bushobora kugenda buronona agatima dufise ko kwitanga. Sauli yatanguye kuganza abona ko ari umuntu yifata ruto kandi yicisha bugufi. (1 Sam. 9:21) Yaranse guhana Abisirayeli bavuze nabi ingoma yiwe, naho nyene ashobora kuba yari afise imvo yumvikana yo kuburanira ico kibanza yari yashizwemwo n’Imana. (1 Sam. 10:27) Umwami Sauli yaremeye kuyoborwa n’impwemu y’Imana mu kuyobora Isirayeli mu ntambara yatsinze yo kurwanya Abamoni. Inyuma y’aho, yarerekanye ukwicisha bugufi mu kwitirira Yehova iyo ntsinzi.​—1 Sam. 11:6, 11-13.

w95 15/12 10 ing. 1

Abamoni barakorewe iciza ariko bishura ikibi

Iciza Yehova yakoreye Abamoni barongeye kucishura ikibi. Ivyo Yehova ntiyavyirengagije. Bibiliya ivuga iti: “Sauli yumvise ayo majambo [ya Nahashi] impwemu y’Imana itangura gukorera kuri we, ishavu ryiwe rica rirarurumba cane.” Sauli ayobowe n’impwemu y’Imana, yarakoranije ingabo 330.000 barica Abamoni “ntihasigara muri bo babiri bari kumwe.”​—1 Samweli 11:6, 11.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 15/3 22 ing. 8

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Mbere

9:9​—Imvugo ngo “uwitwa ūvugishwa n’Imana ubu, kera yitwa kamenyi” ishaka kwerekana iki? Ayo majambo yoshobora kwerakana yuko igihe abahanuzi barushiriza kumenyekana mu misi ya Samweli no mu gihe c’abami muri Isirayeli, ijambo “kamenyi” ryahavuye risubirirwa n’imvugo ngo “ūvugishwa n’Imana” canke umuhanuzi. Samweli afatwa yuko ari we aza imbere mu rutonde rw’abahanuzi.​—Ivyakozwe 3:24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika