Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
7-13 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 12-13
“Ukwita imbere gushikana ku guteterwa”
w00 1/8 25 ing. 17
Ubwibone bushikana ku guteterwa
Ukivyumva, ubona ko ivyo Sauli yakoze bishobora gusa n’ivyumvikana. Nakare, abantu b’Imana bari “babuze epfo na ruguru,” “bāri mu karindiro,” kandi bajugumira kubera bihebuye. (1 Samweli 13:6, 7) Nta nkeka, kwibwiriza si bibi mu gihe bikenewe. Ariko rero, niwibuke yuko Yehova ashobora gusoma imitima agatahura imvo ibidutumye. (1 Samweli 16:7) Kubera ico, ategerezwa kuba yarabonye ibintu bimwebimwe vyerekeye Sauli bitavugwa mu buryo butomoye mu nkuru ya Bibiliya. Nk’akarorero, Yehova ashobora kuba yarabonye yuko ukutihangana kwa Sauli kwavyuwe n’ubwishime. Kumbure Sauli ashobora kuba yarashavuye cane ku buryo we—umwami wa Isirayeli yose—yabwirizwa kurindira umuntu yabona ko ari umuhanuzi yisaziye, arekera ibintu mu nzira! Uko vyari biri kwose, Sauli yumva yuko uguteba kwa Samweli kumuhaye uburengazira bwo kwifatira ibintu mu minwe no gufata minenegwe amabwirizwa atomoye yari yahawe. Vyavuyemwo iki? Samweli ntiyashimye ukwibwiriza kwa Sauli. Ahubwo, yarahanye Sauli, mu kuvuga ati: “Ubgami bgawe ntibuzohangama . . . kuk’utumviye ic’Uhoraho yakugeze.” (1 Samweli 13:13, 14) N’iki gihe nyene, ubwibone bwashikanye ku guteterwa.
Yehova araha agaciro ukugamburuka kwawe
Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Umwami Sauli irashimika ku vy’uko ukugamburuka guhambaye cane. Sauli yatanguye kuganza ari umuntu yicisha bugufi, yifata ruto kandi ‘yikengera’. Ariko, ubwibone be n’ivyiyumviro bitari vyo vyahavuye bitangura kuyobora ingingo yafata (1 Samweli 10:21, 22; 15:17). Igihe kimwe, vyarabaye ngombwa ko Sauli arwana n’ingabo z’Abafilisitiya. Samweli yabwiye uwo mwami kumurindira gushika aje kwosereza Yehova ibimazi no kumuha ubundi buyobozi yokwisunze. Ariko rero, Samweli ntiyashitse ku gihe yari yitezweko, maze abantu baca batangura gusanzara. Aho Sauli abiboneye, yaciye “yosa ico kimazi”. Ico cari ikintu kidahimbara Yehova. Aho Samweli amaherezo ashikiye, nya mwami yireguye kuri ukwo kugambarara kwiwe, mu kuvuga yuko ‘yapfuye guhangara’ kwosa ikimazi kugira ngo yinginge Yehova kuko Samweli yari yatevye. Umwami Sauli yabona ko kwosa nya kimazi vyari bihambaye kuruta kugamburuka ubuyobozi yari yahawe bwo kurindira Samweli akaba ari we acosa. Samweli yamubwiye ati: “Wakoze ic’ubupfu; [ntiwumviye] icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze”. Ukugambararira Yehova kwatumye Sauli akurwa ku ngoma.—1 Samweli 10:8; 13:5-13.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Woba uzokurikiza ubuyobozi bwa Yehova buranga urukundo?
Abo bantu boba bariyumvira yuko hari ukuntu bokwizigiye umwami aboneka kuruta uko bizigira Yehova? Nimba ari ukwo vyari biri, mu vy’ukuri bariko barakurikira ikintu kitabaho! Kandi vyarashoboka cane ko bakurikira ibindi bintu vy’uruhendo vyinshi bituruka kuri Shetani. Abami baboneka botumye bisuka bitagoranye mu vy’ugusenga ibigirwamana. Abasenga ibigirwamana barihenda mu kwiyumvira yuko ibintu bifadika, ni ukuvuga imana zikozwe mu biti canke mu mabuye, hari ukuntu bitari umugani kandi vyizigirwa kuruta Imana itaboneka Yehova, yaremye ibintu vyose. Mugabo nk’uko intumwa Paulo yabivuze, ibigirwamana ni “ubusa.” (1 Kor. 8:4) Ntibishobora kubona, kwumva, kuvuga canke kugira ico bikoze. Woshobora kubibona no kubikorako, mugabo hamwe wosenga kimwe muri ivyo, woba vy’ukuri uriko urakurikira ikintu kitabaho ata kindi cokumarira atari ukugukwegera akarambaraye.—Zab. 115:4-8.
14-20 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 14-15
“Ukugamburuka kuruta ikimazi”
Yehova araha agaciro ukugamburuka kwawe
Kubera ko Yehova ari we Muremyi, ibintu vyose vy’umubiri bisanzwe ari ivyiwe. Ko bimeze gutyo, hoba hari ikintu na kimwe dushobora kumuha? Ego cane kirahari. Turashobora kumuha ikintu c’agaciro kanini cane. Uti none ni igiki? Inyishu dushobora kuyisanga muri iyi nkeburo igira iti: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka” (Imigani 27:11). Ukugamburuka kwacu ni co kintu dushobora guha Imana. Naho uko ivyacu vyifashe usanga gutandukanye kandi tukaba twakuriye mu bintu bitandukanye, biciye ku kugamburuka, umwe wese muri twebwe arashobora guhinyuza ikinyoma Shetani wa Mubesheranyi yavuze ngo abantu ntiboguma ari intahemuka ku Mana mu gihe boba bari mu bigeragezo. Umve na we ntuze ako gateka!
it-2 429 ing. 1
Kugamburuka
Nta cosubirira kugamburuka, kandi nta woshobora gushimwa n’Imana atagamburuka. Samweli yabwiye Umwami Sauli ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa be n’ibimazi kuruta kugamburuka [imero ya sha·maʽʹ] ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka [ijambo ku rindi, kwumviriza] kuruta ikimazi, kwumvira kukaruta ibinure vy’impfizi z’intama.” (1Sm 15:22) Kutagamburukira Yehova ni kudakurikiza ijambo ryiwe, kwerekana ko vy’ukuri utaryemera n’uwo rikomokako, ko utaryizigira canke ngo uryizere. Ku bw’ivyo, uwanka kugamburuka nta ho ataniye n’uwukora ivy’amageza canke uwusenga ibigirwamana. (1Sm 15:23; gereranya na Rm 6:16.) Iyo imvugo itajanye n’ingiro, nta co biba bimaze; iyo umuntu adashize mu ngiro ubuyobozi vyerekana ko atemera uwabumuhaye canke ko atamwubaha. (Mt 21:28-32) Abaryoherwa gusa no kwumva Ijambo ry’Imana kandi bakaryemera mugabo ntibakore ivyo ribasaba, baba bariko baribesha n’ivyiyumviro bitari vyo kandi nta muhezagiro baronka. (Yak 1:22-25) Umwana w’Imana yaratomoye neza ko mbere n’abakora ibintu bisa n’ivyo dusabwa, ariko bakaba babikora mu buryo butari bwo canke bakabitumwa n’imvo mbi, batokwinjiye mu Bwami ahubwo ko boshibuwe.—Mt 7:15-23.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 598
Impuhwe
Kwemera kwoshwa kugaragaza impuhwe mu bintu bitandukanye n’ivyo Imana igomba birashobora kuvamwo ingaruka zikomeye. Ivyo biragaragara mu vyashikiye Umwami Sauli. Igihe carageze c’uko hashitswa urubanza rwaciriwe Abamaleki, bakaba ari bo batanguye kugaba igitero ku Bisirayeli ata co babahoye inyuma y’aho baviriye mu Misiri. Sauli yari yategetswe kutabagirira impuhwe. Ariko bivuye ku kosho k’abo atwara, ntiyakurikije neza ivyo Yehova yamutegetse. Ivyo vyatumye Yehova yanka ko Sauli abandanya kuba umwami. (1Sm 15:2-24) Igihe umuntu akunda cane inzira za Yehova zigororotse kandi ntareke ngo hagire ikintu na kimwe cotuma amuhemukira, biramurinda kugwa mw’ikosa nk’iryo Sauli yaguyemwo, bikaba vyotuma ataba agishimwa n’Imana.
21-27 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 16-17
‘Urugamba ni urwa Yehova’
‘Urugamba ni urwa Yehova’
Mu gukura amazinda Sauli, Dawidi yaramwiganiye ingene yirahiye intare be n’idubu. None yariko ariyemera? Eka data. Dawidi yari azi icatumye anesha ivyo bikoko. Yavuze ati: “Yehova, we yandokoye mu vyara vy’intambwe no mu vyara vy’idubu, ni we aza kundokora mu kuboko kw’uwo Mufilisitiya.” Sauli agondojwe, yaciye amubwira ati: “Genda, Yehova ubwiwe abane nawe.”—1 Samweli 17:37.
Woba wipfuza kugira ukwizera nk’ukwa Dawidi? Urabona ko ukwizera kwiwe kwari gufise ishingiro, aho kuba ukwo mu vyiyumviro gusa. Ivyo yari azi be n’ivyo yaciyemwo ni vyo vyatuma yizera Imana. Yari azi ko Yehova akingira abiwe abigiranye urukundo be n’uko ashitsa ivyo asezerana. Nimba twipfuza kugira ukwizera nk’ukwo, turakwiye kuguma twiga ivyerekeye iyo Mana ivugwa muri Bibiliya. Nitwabaho twisunga ivyo twiga, tuzokwibonera ko bizorushiriza gukomeza ukwizera kwacu.—Abaheburayo 11:1.
‘Urugamba ni urwa Yehova’
Inyishu Dawidi yamuhaye, n’ubu iracagaragara ko iranga ukwizera gukomeye. Iyumvire nawe ako gasore kariko kabwira Goliyati gati: “Uje kuri jewe witwaje inkota n’icumu n’ikobero, mugabo jewe nje kuri wewe nitwaje izina rya Yehova nyen’ingabo, Imana y’abatonze urugamba ba Isirayeli, iyo wacokoye.” Dawidi ntiyakangwa n’inkomezi z’umuntu canke ibirwanisho vyiwe. Kubera ko Goliyati yari yasuzuguye Yehova Imana, Yehova na we yagira amwereke. Nk’uko Dawidi yabivuze, “urugamba [ni] urwa Yehova.”—1 Samweli 17:45-47.
Naho Dawidi yabona igihagararo ca Goliyati n’ibirwanisho vyiwe, ivyo ntivyamukanze. Ntiyaguye muri rya kosa Sauli n’ingabo ziwe bagwamwo. Dawidi ntiyigereranije na Goliyati. Ahubwo yagereranije Goliyati na Yehova. Goliyati yareha n’imetero 2 na santimetero 90, akaba ari we yaruta abandi bagabo bose. Ariko none yari avuze iki imbere ya Segaba w’ibiriho vyose? Mu vy’ukuri, cokimwe n’abandi bantu bose, yari nk’agahori, ako Yehova yagira afyonyore!
‘Urugamba ni urwa Yehova’
Muri iki gihe, abasavyi b’Imana ntibaja mu ntambara. Igihe c’ivyo cararenganye. (Matayo 26:52) Ariko rero, turakwiye kwigana ukwizera kwa Dawidi. Cokimwe na we, turakwiye kubona ko Yehova ari Imana ibaho koko, ko ari we wenyene dukwiye gukorera no gutinya. Vyoshobora gushika tukabona ko ata co dushoboye imbere y’ingorane zitwugarije, ariko rero izo ngorane ni ubusa uzigereranije n’ububasha ntangere bwa Yehova. Nitwareka Yehova akatubera Imana kandi tukamwizigira nka Dawidi, nta ngorane n’imwe izodutera ubwoba. Emwe, nta kintu na kimwe conanira Yehova!
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 905-906
Sauli
Inyuma y’aho be n’inyuma yo kurobanura Dawidi ngo azobe umwami wa Isirayeli ni ho impwemu ya Yehova yava kuri Sauli. Kuva ico gihe ‘impwemu mbi ivuye kuri Yehova yaciye iza iramutera ubwoba.’ Yehova yarakuye impwemu yiwe kuri Sauli, atuma bishoboka ko impwemu mbi imwigarurira, bituma Sauli abura amahoro kandi ivyiyumviro vyiwe, ukuntu yiyumva n’ukuntu azirikana bica biba bibi. Kuba Sauli atagamburukiye Yehova vyarerekanye impengamiro mbi yari mu muzirikanyi wiwe no mu mutima wiwe, impwemu y’Imana ikaba itamukingiye iyo mpengamiro mbi canke ngo imuhe inguvu zo kuyirwanya. Kubera ko Yehova yaretse “impwemu mbi” igasubirira impwemu yiwe ikongera igatera ubwoba Sauli, vyatumye bayita ngo “impwemu mbi ivuye kuri Yehova,” ku buryo abasuku ba Sauli bavuze ngo ni “impwemu mbi y’Imana.” Bivuye ku ciyumviro catanzwe n’umwe mu basuku biwe, Sauli yarasavye ko Dawidi aza ku kirimba kumucurarangira kugira bituma aturura igihe “impwemu mbi” yaba iriko iramubuza amahoro.—1Sm 16:14-23; 17:15.
28 NTWARANTE–3 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 18-19
“Nugume wicishije bugufi igihe uroraniwe”
Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
Bidatevye, ako gahungu k’akungere kobaye rurangiranwa mu gihugu. Yaratumweko kugira akorere umwami yongere amucurarangire. Yarishe wa murwanantambara Goliyati, ikigatanya cari gikaze cane ku buryo n’ingabo zo muri Isirayeli zimenyereye cane ivy’ukurwana zatinya guhangana na co. Dawidi amaze kugirwa umukuru w’ingabo, yararwanije Abafilisitiya arabanesha. Abanyagihugu baramukunze. Baratunganije indirimbo zo kumuhayagiza. Imbere y’aho, umuhanuzi w’Umwami Sauli ntiyari yavuze gusa ko Dawidi ari “umucuraranzi w’umuhinga” avuza inanga, ariko kandi yari yavuze ko ari n’‘umuhizi w’inkomezi kandi azi kurwana, yitonda mu vyo avuga, akaba n’umuntu w’igikundiro’.—1 Samweli 16:18; 17:23, 24, 45-51; 18:5-7.
Ubudasa hagati y’abakorera Yehova n’abatamukorera
Abantu bamwebamwe bagira ubwibone kubera ari beza, bazwi cane, ari ibihangange mu muziki, bakomeye canke bashimagizwa n’abandi. Dawidi yari afise ivyo bintu vyose, ariko yagumye yicisha bugufi mu buzima bwiwe bwose. Amaze kwica Goliyati no kwemererwa kuzotwara umukobwa w’Umwami Sauli, yavuze ati: “Mbaye nde kandi abo mu muryango wanje, umuryango wa dawe, babaye bande muri Isirayeli, ku buryo noba umukwe w’umwami?” (1 Sam. 18:18) Ni igiki cafashije Dawidi kuguma yicisha bugufi? Yaratahura ko kamere nziza, ububangukirwe be n’uduteka yari afise yabironse kubera Imana ‘yimanuye,’ ni ukuvuga ko yicishije bugufi, ikamwitaho. (Zab. 113:5-8) Dawidi yari azi ko ivyiza vyose yari afise yabihawe na Yehova.—Gereranya na 1 Abakorinto 4:7.
Nk’uko kwa Dawidi, abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe barihatira kwicisha bugufi. Turakorwa ku mutima cane no kumenya ko Yehova, Segaba w’ibiriho vyose, yicisha bugufi. (Zab. 18:35) Turafata nkama impanuro yahumetswe igira iti: “Nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya.” (Kol. 3:12) Vyongeye, turazi ko urukundo ‘rutiyemera kandi rutivyimvya.’ (1 Kor. 13:4) Iyo twicishije bugufi, birashobora gutuma abandi biyegereza Yehova. Kurya nyene abagabo bashobora kureshwa n’inyifato y’abagore babo ata jambo rivuzwe, abandi barashobora kwiyegereza Imana bivuye ku kwicisha bugufi kw’abasavyi bayo.—1 Pet. 3:1.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 671-672
Umuhanuzi
Naho abahanuzi barobanurwa n’impwemu ya Yehova, biboneka ko batama bavuga bahumekewe. Ahubwo impwemu y’Imana yabazako mu bihe bimwebimwe, ikabahishurira ubutumwa botangaza. (Ezk 11:4, 5; Mk 3:8) Ivyo vyarabavyurira umutima wo kuvuga. (1Sm 10:10; Yr 20:9; Am 3:8) Ntibakora gusa ibintu bidasanzwe ariko kandi inyifato yabo n’imvugo yabo vyarumvikanisha ata gukeka ubukomezi n’inyiyumvo bidasanzwe. Ico ni kimwe mu vyashobora gutuma bavuga ko umuntu ‘yifata nk’umuhanuzi.’ (1Sm 10:6-11; 19:20-24; Yr 29:24-32; gereranya na Ivk 2:4, 12-17; 6:15; 7:55.) Kuba baritunira cane ku gikorwa cabo bakagikorana umwete n’umutima rugabo, vyatuma baboneka nk’abatandukanye nk’abandi, mbere ko badakomeye mu mutwe, ukwo nyene akaba ariko abakuru b’inteko za gisirikare babonye wa muhanuzi yaza kurobanuza amavuta Yehu. Ariko bamaze gutahura ko yari umuhanuzi, baremeye n’umutima ukunze ubutumwa yashikirije. (2Bm 9:1-13; gereranya na Ivk 26:24, 25.) Igihe Umwami Sauli yariko arahiga Dawidi, maze agatezwa “kwifata nk’umuhanuzi,” yariyambuye impuzu ziwe maze arambarara hasi “ari gusa uwo murango wose n’iryo joro ryose,” ico gihe akaba ari ho biboneka ko Dawidi yaciye aronka akaryo ko guhunga. (1Sm 19:18–20:1) Ivyo ntibisobanura ko abahanuzi bama bagenda bari gusa kubera ko Bibiliya yerekana ko atari ko vyama bigenda. Hari izindi nkuru zibiri zerekana ko umuhanuzi yagenda ari gusa ku bw’intumbero, kugira yerekane umuce kanaka w’ukuntu ubwo buhanuzi buzoranguka. (Yes 20:2-4; Mk 1:8-11) Imvo yatumye Sauli yiyambura impuzu ziwe ntivugwa. Nta wuzi ko kwari ukwerekana ko ata co amaze canke yambuwe impuzu ziwe za cami, ko atabereye kuba umwami aserukira Yehova canke iyindi mvo.
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Igikorwa gisaba ukwicisha bugufi
Ijambo ry’Imana ridukebura kuba abantu ‘bicisha bugufi mu mutima, batagera ikibi ku kindi, . . . ariko bama bahezagira.’ (1 Pet. 3:8, 9) Iyo mpanuro irajanye koko n’igikorwa co kwamamaza. Kukaba nkako, ubusuku bwa gikirisu burashobora kuba ikintu kigeza ukwicisha bugufi kwacu.
Ukwicisha bugufi ni kamere idufasha kwihanganira ibintu bitera umubabaro. Igihe twamamaza, twegera abantu tutazi kandi batanaduhaye ikaze. Tuba tuzi yuko bamwebamwe batazotwakira neza. Kubandanya kwamamaza bakwakira gutyo, bisaba ukwicisha bugufi. Mu cibare kimwe kigoye cane, hari abavukanyikazi babiri b’abatsimvyi bamaze imyaka ibiri bamamaza inzu ku nzu ata muntu abaha ikaze! Ariko rero, barumiye kw’ibanga, maze muri ako karere ubu hakaba hari amashengero abiri.
Twihanganire abatatwishurana urupfasoni: Ukwicisha bugufi kuzodufasha kwigana Yezu igihe abandi badufashe nabi canke ntibatugaragarize urupfasoni. (1 Pet. 2:21-23) Hari umuvukanyikazi yatutswe ku rugo rumwe, ubwa mbere yatutswe n’umugore hanyuma atukwa n’umugabo, uno akaba yaciye amutegeka kumuvira mu rugo. Uwo muvukanyikazi ico yakoze yaramwenyuye hanyuma avuga yuko yizigiye kuzoyaga na bo ikindi gihe. Ivyo vyaratangaje cane uwo mugabo n’umugore ku buryo bw’uko bateze yompi umuvukanyikazi yabagendeye inyuma y’aho, maze baraheza baremera ubutumire yabahaye bwo kwitaba ikoraniro ribera ku Ngoro y’Ubwami. Wa muvukanyikazi birukana ubwa mbere ni ho yari ari, arabaramutsa yongera gusubira kubabwira ubutumwa. Na twebwe nyene twoshobora guhwamika abanka kwakira ubutumwa bw’Ubwami mu kuvugana ‘ubugwaneza n’icubahiro cinshi.’—1 Pet. 3:15; Imig. 25:15.
Twirinde kuba abantu b’amanyama: Ubumenyi bwa Bibiliya dufise ntibutuma dusuzugura abantu canke tubavugavuga dukoresheje amajambo yo kubanegura. (Yoh. 7:49) Ahubwo, Ijambo ry’Imana riduhanura ‘kutagira uwo twambika ibara.’ (Tito 3:2) Igihe twiyoroheje mu mutima nk’uko Yezu yari ameze, turaruhurira abandi. (Mat. 11:28, 29) Twegereye abantu twicishije bugufi biratuma barushiriza gukwegerwa n’ubutumwa tubashira.
Vyemere, ukwicisha bugufi kuradufasha kwumira kw’ibanga mu cibare usanga kigoye. Ukwicisha bugufi kurashobora guhwamika abanka kwakira ubutumwa bw’Ubwami, kandi kugakwegera abandi kuri bwo. Ikiruta vyose, kurahimbara Yehova, we ‘agirira ubuntu abicisha bugufi.’—1 Pet. 5:5.
4-10 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 20-22
“Ukuntu twobera abandi abagenzi beza”
Dukomeze ubugenzi dufitaniye imbere y’uko iherezo rishika
Muri iki gihe, abavukanyi bacu barashikirwa n’ingorane zitandukanye. Nk’akarorero, benshi barashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka canke ivyago biterwa n’abantu. Ivyo bishitse, bamwe muri twebwe twoshobora kubakira muhira iwacu. Abandi na bo boshobora kubafashisha amahera. Ariko twese turashobora gutakambira Yehova ngo abafashe. Igihe tumenye ko umuvukanyi canke mushiki wacu yihebuye, vyoshika tukabura ico tumubwira canke ntitubone ico twomukorera. Yamara rero, twese turashobora kugira ico dufashije. Nk’akarorero, twoshobora kumarana umwanya n’uwo mugenzi wacu. Twoshobora kumutega yompi tubigiranye impuhwe igihe atuyagira. Twoshobora no kumusomera icanditswe dukunda kiremesha. (Yes. 50:4) Igihambaye cane ni uko tumuba hafi igihe aba adukeneye.—Soma Imigani 17:17.
Nugendere mu nzira za Yehova
Imana yiteze ko tuba abagenzi b’abizigirwa (Imig. 17:17). Yonatani umuhungu w’Umwami Sauli yarakundanye na Dawidi. Igihe Yonatani yumva ko Dawidi yari yishe Goliyati, “umutima wa Yonatani [waciye] ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda uko yikunda” (1 Sam. 18:1, 3). Yonatani yaranaburiye Dawidi igihe Sauli yarondera kumwica. Inyuma y’aho Dawidi ahungiye, Yonatani yarabonanye na we maze baragiriranira isezerano. Kuvugira Dawidi imbere ya Sauli vyaratumye Yonatani ahakwa kuhasiga ubuzima, ariko abo bagenzi babiri barasubiye kubonana bongera barasubira gukomeza ubugenzi bari bafitaniye (1 Sam. 20:24-41). Igihe babonana ari bwo bwa nyuma, Yonatani yarakomeje ukuboko kwa Dawidi ku bijanye n’“ivy’Imana”.—1 Sam. 23:16-18.
Ukuntu twozigama ubugenzi mw’isi idakundana
Nube intahemuka. Salomo yanditse ati: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.” (Imig. 17:17) Igihe Salomo yariko aratunganya ayo majambo, ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi ubugenzi se wiwe Dawidi yari afitaniye na Yonatani. (1 Sam. 18:1) Umwami Sauli yashaka ko umuhungu wiwe Yonatani atorana ingoma ya Isirayeli. Ariko Yonatani yaremeye ivy’uko Yehova yari yarahisemwo Dawidi ngo aterwe ako gateka. Yonatani ntiyari ameze nka Sauli kuko we atagiriye ishari Dawidi. Ntiyababajwe n’ukuba Dawidi yarashemagijwe, eka kandi ntiyemeye ibinyoma Sauli yakwiragije ku bijanye na Dawidi. (1 Sam. 20:24-34) Twoba tumeze nka Yonatani? Igihe abagenzi bacu batewe uduteka, vyoba biduhimbara? Igihe bashikiwe n’ingorane, twoba tubahumuriza tukongera tukabashigikira? Igihe twumvise urusaku ku vyerekeye umugenzi, twoba twihutira kuvyemera? Canke, twoba tuburanira tudahemuka uwo mugenzi wacu nka kumwe Yonatani yabigize?
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Mbere
21:12, 13. Yehova yiteze ko dukoresha ububasha be n’ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira kugira ngo duhangane n’ibintu bitugora mu buzima. Yaraduhaye Ijambo ryiwe ryahumetswe, irituma tuba abantu biyubara, rikaturonsa ubumenyi n’ubushobozi bwo kwiyumvira (Imigani 1:4). Turafashwa kandi n’abakurambere bakirisu bagenywe.
18-24 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 23-24
“Nurindire Yehova wihanganye”
Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
Dawidi yaranse kugirira nabi Sauli. Kubera ko yari afise ukwizera akaba n’umuntu yihangana, yarabonye ko akwiye kurekera ibintu mu maboko ya Yehova. Umwami amaze kuva muri iryo senga, Dawidi yaramuhamagaye hanyuma amubwira ati: “Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe, Uhoraho n’abe ari we azokumpōra; arik’ukuboko kwanje ntikuzogukorako” (1 Samweli 24:12). Naho Dawidi yari azi ko Sauli ari we ari mw’ikosa, ntiyihoye; eka mbere ntiyabwiye nabi Sauli canke ngo amuvugeko ikintu kibi. Mu bindi bihe bitari bike, Dawidi yaririnze kwifatira ibintu mu minwe. Ahubwo, yarihetse kuri Yehova kugira ngo atunganye ibintu.—1 Samweli 25:32-34; 26:10, 11.
Ubuzima bwawe bwoba buganzwa n’ukuntu ivyawe biba vyifashe?
Icigwa kigira gatatu ni ic’uko, aho gukoresha uburyo budashingiye ku Vyanditswe kugira ngo duhindure uko ivyacu vyifashe, dukwiye kurindira Yehova. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe” (Yakobo 1:4). Dukwiye kureka ukwihangana ‘kugahingura igikorwa cakwo’ mu kureka ikigeragezo kikabandanya kudushikira gushika giheze, tudakoresheje uburyo bunyuranye n’Ivyanditswe ngo tukirangize ningoga na ningoga. Ukwizera kwacu kuzoheza rero kugeragezwe hanyuma gukurwemwo inkamba, maze ububasha ukwo kwizera gufise buzoheza buje ahabona. Yozefu na Dawidi bari bafise mwene ukwo kwihangana. Ntibagerageje kurondera umuti wari guhava utuma Yehova adahimbarwa. Ahubwo riho, barakoze uko bashobora kugira ngo bungukire uko bishoboka kwose ku kuntu ivyabo vyari vyifashe. Bararindiriye Yehova, kandi ese imihezagiro baronse kubona barabigize gutyo! Bompi Yehova yarabakoresheje kugira ngo arokore yongere arongore abasavyi biwe.—Itanguriro 41:39-41; 45:5; 2 Samweli 5:4, 5.
Na twebwe twoshobora guhangana n’ibintu vyotuma twoshwa ngo turondere umuti unyuranye n’Ivyanditswe. Nk’akarorero, woba waracitse inkokora kubera utararonka uwo mwokwubakana abereye? Niba vyifashe gutyo, niwirinde inyosha mbi iyo ari yo yose yo kurenga kw’itegeko rya Yehova ridusaba kwubaka ‘mu Mwami gusa’ (1 Ab’i Korinto 7:39). Woba ufise ingorane mu mubano wanyu? Aho guca utwarwa n’agatima k’isi karemesha ugutandukana n’ukwahukana, nugerageze gutorera umuti izo ngorane uri kumwe n’uwo mwubakanye (Malaki 2:16; Abanyefeso 5:21-33). Woba uri mu ngorane z’ugutunga umuryango wawe kubera ukuntu ivyawe vyifashe mu vy’ubutunzi? Kurindira Yehova birimwo kwirinda ibikorwa biteye amakenga canke biteye kubiri n’amategeko kugira ugerageze kuronka amahera (Zaburi 37:25; Abaheburayo 13:18). Vyemere, twese dutegerezwa gukora uko dushoboye kugira ngo twungukire uko bishoboka kwose ku kuntu ivyacu vyifashe kugira Yehova na we abone kuduhezagira. Uko tugira ivyo, nimuze twiyemeze kwiheka kuri Yehova kugira abe ari we aturonsa umuti nyawo.—Mika 7:7.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ntureke ngo hagire ikikubuza kuronka agashimwe
Nitwatsimbataza urukundo n’ubuntu mu mutima wacu, bizoturinda ishari. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari.” (1 Kor. 13:4) Kugira ngo twirinde ko ishari rishinga imizi mu mutima wacu, dutegerezwa kubona ibintu nk’uko Imana ibibona, tukabona ko abavukanyi na bashiki bacu tugize umubiri umwe, ni ukuvuga ishengero. Ivyo bizodufasha kwishira mu kibanza cabo, nk’uko iyi mpanuro yahumetswe ibivuga, iti: “Iyo igihimba kimwe kininahajwe, ibindi bihimba vyose binezeranwa na co.” (1 Kor. 12:16-18, 26) Aho kugira ishari rero, tuzohimbarwa igihe abandi baronse imihezagiro. Rimbura akarorero ka Yonatani, umuhungu w’Umwami Sauli. Ntiyagiriye ishari Dawidi igihe yagenwa ngo azobe umwami. Ahubwo riho, yaramuremesheje. (1 Sam. 23:16-18) Twoba twokwigana ubuntu n’urukundo Yonatani yagaragaje?
25 NDAMUKIZA–1 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 25-26
“Woba ukora ibintu utabanje kwiyumvira?”
Yarakoranye ukwiyubara
None abo basirikare bakora bagatama bafata gute abo bungere? Vyobaye vyoroshe cane ko rimwe na rimwe baza barikora kuri izo ntama, ariko ntibigeze bagira ikintu nk’ico. Ahubwo riho, babaye nk’uruhome rukingira imikuku ya Nabali be n’abasuku biwe. (Soma 1 Samweli 25:15, 16.) Hari ingeramizi nyinshi zari zihanze intama be n’abungere. Hariho ibiryanyi vyinshi, kandi urubibe rwo mu bumanuko bwa Isirayeli rwari hafi cane ku buryo imigwi y’abasuma n’abambuzi yakunda gutera.
Kuguma ugaburira abo bantu bose muri ako gahinga, gitegerezwa kuba cari igikorwa kitoroshe na gato. Ni co gituma umusi umwe Dawidi yarungitse intumwa cumi kwa Nabali ngo zimusabe ko yogira ico abafashije. Dawidi yahisemwo ico gihe abigiranye ubukerebutsi. Cari ikiringo giteye umunezero co gukemura intama, ico gihe bikaba vyari bimenyerewe ko abantu bagaragaza ugutanga cane bakongera bakagira imisi mikuru. Dawidi kandi yarahisemwo avyitondeye amajambo yakoresheje, akaba yakoresheje imvugo n’amajambo yo kumwitura biranga urupfasoni. Mbere mu kuvuga ibimwerekeye yavuze ngo “umuhungu wawe Dawidi,” kumbure kukaba kwari ukwemera abigiranye icubahiro ko Nabali amusumvya imyaka. None Nabali yishuye gute?—1 Sam. 25:5-8.
Yaciye ashangashirwa! Wa musore yavugwa mu ntango yaradondoreye Abigayili uko ibintu vyagenze ati: “Uno azitera imirarwe.” Uwo mugabo w’ingumyi Nabali yaciye ashira ijwi hejuru aridodomba ku bijanye n’umukate wiwe, amazi yiwe be n’inyama yari yabagishije. Yaracokoye Dawidi amwita imburakimazi yongera amugereranya n’umusuku yataye shebuja. Nabali ashobora kuba yabona ibintu nka Sauli, uno akaba yaranka Dawidi. Nta n’umwe muri abo bagabo yabona ibintu nk’uko Yehova abibona. Imana yarakunda Dawidi kandi ntiyamubona nk’umushumba w’umugarariji, ahubwo yamubona nk’uwohavuye aba umwami wa Isirayeli.—1 Sam. 25:10, 11, 14.
Yarakoranye ukwiyubara
Yariyitiriye ikosa maze arasaba Dawidi ngo amugirire imbabazi we ubwiwe. Yaremeye mu buryo bwumvikana ko umunega wiwe yari igipfu nk’uko izina ryiwe ryasobanura, kumbure akaba yaraseruye iciyumviro c’uko Dawidi yobaye yitesheje icubahiro hamwe yari guhana umuntu nk’uwo. Yaraseruye ko yizigiye Dawidi nk’uwuserukira Yehova, ariyemerera ko yariko arwana “intambara za Yehova.” Yarerekanye kandi ko yari azi ivyerekeye isezerano Yehova yagize ku bijanye na Dawidi be n’ubwami, kuko yavuze ati: “Yehova . . . ntazobura kukugira indongozi ya Isirayeli.” N’ikindi kandi, yarahanuye Dawidi ngo ntihagire ikintu na kimwe akora cohava gituma yagirwa n’amaraso canke cotuma mu nyuma ‘ahungabana,’ bikaba biboneka ko yariko yerekeza kw’ijwi ryo mu mutima ridatekanye. (Soma 1 Samweli 25:24-31.) Emwe, ayo yari amajambo arangwa ubuntu kandi y’igikundiro!
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Yarakoranye ukwiyubara
None ivyo vyoba bisobanura ko Abigayili yariko aragarariza ubukuru bwemewe bw’umugabo wiwe? Oya namba; niwibuke ko Nabali yari yakoreye ikibi umusavyi wa Yehova yarobanuwe, ico kikaba cari ikintu cari gutuma abantu benshi ata co bazira bo mu muryango wa Nabali bahasiga ubuzima. Iyo Abigayili atagira ico akoze, ubwo ntiyari kuba agize uruhara mw’ikosa ryari ku gatwe k’umugabo wiwe? Muri ico gihe, yategerezwa kuyobokera Imana yiwe imbere yo kuyobokera umunega wiwe.