Nutsimbataze agatima nk’ak’umuto
“Uwigenza nk’umuto muri mwebwe mwese [ni] we mukuru.”—LUKA 9:48.
1, 2. Ni inkeburo iyihe Yezu yahaye intumwa ziwe, kandi kubera iki?
HARI mu mwaka wa 32 G.C. Yezu yari mu ntara ya Galilaya igihe haduka ingorane. Intumwa ziwe zariko ziraharira ku wari mukuru muri zo. Umwanditsi w’Injili Luka yigana ati: “Ivyiyumviro bibinjiramwo ku bijanye n’uwobaye mukuru muri bo. Yezu amenya ivyiyumviro biri mu mitima yabo, afata umwana mutoyi, amushira iruhande yiwe, hanyuma ababwira ati: ‘Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye, kandi uwo wese anyakiriye aba yakiriye n’uwantumye. Kuko uwigenza nk’umuto muri mwebwe mwese ari we mukuru.’” (Luka 9:46-48) Yezu abigiranye ukwihangana mugabo ashikamye yarafashije izo ntumwa gutahura ko zikeneye kwicisha bugufi.
2 Inkeburo Yezu yatanze yo kwigenza nk’umuto yoba yari ihuye n’imico y’Abayuda bo mu kinjana ca mbere? Canke yari ihushanye n’agatima bagaragaza muri rusangi? Inyizamvugo imwe (Theological Dictionary of the New Testament) mu kugira ico ivuze ku kuntu ibintu vyari vyifashe mu kibano ico gihe, isigura iti: “Mu bintu vyose, baguma barondera kumenya uwari mukuru kuruta abandi, kandi guha umwe wese icubahiro akwiriye cari ikintu gihambaye caguma kiraza ishinga abantu.” Yezu yariko arakebura intumwa ziwe ngo ntizimere nk’abandi bantu muri rusangi.
3. (a) Kwigenza nk’umuto bisobanura iki, kandi kubera iki vyoshobora kutugora kubigira? (b) Ni ibibazo ibihe bivyuka ku bijanye no gutsimbataza agatima nk’ak’umuto?
3 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “umuto” risobanura umuntu yifata ruto, yicisha bugufi, aciye bugufi, ata co amaze, canke ata gaciro afise kandi atagira ijunja n’ijambo. Yezu yarakoresheje umwana mutoyi kugira ngo yereke intumwa ziwe ko zikwiye kwicisha bugufi no kwifata ruto. Iyo nkeburo irerekeye abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe nk’uko yari yerekeye abo mu kinjana ca mbere. Vyoshobora kutugora kwigenza nk’abato, n’imiburiburi mu bihe bimwebimwe. Agatima k’ubwibone abantu bafise koshobora gutuma turondera kuba abahambaye. Agatima ko guhiganwa k’abantu badukikuje be n’impwemu y’isi vyoshobora gutuma tuba abantu bishira imbere, b’abanyabihari canke barondera kwifatira abandi. Ni igiki codufasha gutsimbataza agatima nk’ak’umuto? Ni mu buryo ubuhe ‘umuto muri twebwe ari we mukuru’? Ni mu mice y’ubuzima iyihe dukwiye kwihatira kugaragaza agatima ko kwicisha bugufi?
“EWE BWIMBIKE BW’UBUTUNZI N’UBUKEREBUTSI N’UBUMENYI VY’IMANA!”
4, 5. Ni igiki cotuma dutsimbataza ukwicisha bugufi? Tanga akarorero.
4 Uburyo bumwe bwo gutsimbataza ukwicisha bugufi ni ukuzirikana ubukuru bwa Yehova tumugereranije natwe. Mu vy’ukuri, “ugutegera kwiwe ntiguserangurwa.” (Yes. 40:28) Mu kugira ico avuze ku mice imwimwe y’ubuninahazwa bwa Yehova, intumwa Paulo yanditse ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!” (Rom. 11:33) Naho ubumenyi abantu bafise ku bintu vyinshi bwongerekanye cane kuva aho Paulo yandikiye ayo majambo hakaba haciye imyaka nka 2.000, ayo majambo aracari ay’ukuri. Naho twoba tuzi ibingana iki, gutahura yuko ivyo dushobora kwiga ku vyerekeye Yehova, ibikorwa vyiwe be n’inzira ziwe bitagira aho bigarukira, birakwiye kuducisha bugufi.
5 Gutahura yuko tudashobora guserangura inzira z’Imana vyarafashije Leoa kwibona nk’umuto. Igihe Leo yari akiri umusore, yarakunda cane ivya siyansi. Kubera ko yipfuza gutahura ibintu vyinshi bishoboka ku bijanye n’ibiriho, yarize ivy’imibumbe n’ibisyo vyo mu kirere kandi yarashitse ku ciyumviro gihambaye. Avuga ati: “Nisunze ivyo nize, naratahuye yuko ivyiyumviro bishingiye kuri siyansi vyo muri iki gihe vyonyene bidashobora gutuma abantu batahura neza ibiriho. Naciye ntangura rero kwiga ivy’amategeko.” Leo yahavuye aba umushikirizamanza, mu nyuma na ho aba umucamanza. Amaherezo, we n’umukenyezi wiwe bariganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, baremera ukuri, maze baraba abasavyi b’Imana biyeguye. Ni igiki cafashije Leo kwigenza nk’umuto naho yari yarashitse kuri ivyo bintu vyose? Yishura adakekeranya ati: “Ni ugutahura ko naho twokwiga ibingana iki ku vyerekeye Yehova n’ibiriho, haba hakiriho vyinshi vyo kwiga.”
6, 7. (a) Ni akarorero keza igitangaza ko kwicisha bugufi akahe Yehova atanga? (b) Ukwicisha bugufi kw’Imana gushobora gute gutuma umuntu aba “mukuru”?
6 Ikindi kintu kidufasha kwicisha bugufi ni uko Yehova ubwiwe agaragaza iyo kamere. Rimbura iki kintu: “Turi abakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9) Iyumvire ico kintu! Yehova we Mana y’ubukuru ntangere aradutera iteka muri ubwo buryo mu kuduha akaryo ko kurangura ubusuku bwacu dukoresheje Ijambo ryiwe Bibiliya. Naho Yehova ari we akuza imbuto dutera tukongera tukavomera, araduha ikibanza c’iteka co gukorana na we. (1 Kor. 3:6, 7) Ako none si akarorero keza igitangaza k’ukuntu Imana yicisha bugufi? Nta gukeka ko akarorero ka Yehova ko kwicisha bugufi gakwiye kuremesha cane umwe wese muri twebwe kwigenza nk’umuto.
7 Akarorero k’Imana ko kwicisha bugufi karagize ikintu gikomeye gakoze ku mwanditsi w’amazaburi Dawidi. Yaririmbiye Yehova ati: “Uzompa inkinzo yawe y’ubukiriro, kandi ukwicisha bugufi kwawe ni kwo kungira uwuhambaye.” (2 Sam. 22:36) Dawidi yavuze yuko ubukuru ubwo ari bwo bwose yari afise muri Isirayeli yabukesha ukwicisha bugufi kwa Yehova, ni ukuvuga ukuba Imana yarimanura ari kwo kwicisha bugufi kugira ngo imwitwararike. (Zab. 113:5-7) Ukwo none si ko biri no kuri twebwe? Zaba kamere, ububangukirwe canke uduteka, ni igiki dufise ‘tutahawe’ na Yehova? (1 Kor. 4:7) Umuntu yigenza nk’umuto ni “mukuru” mu buryo bw’uko arushiriza kuba umusavyi wa Yehova kirumara. (Luka 9:48) Nimuze twihweze ukuntu ivyo ari ko biri.
‘UMUTO MURI MWEBWE NI MUKURU’
8. Ukwicisha bugufi kugira ico gukoze gute ku kuntu tubona ishirahamwe rya Yehova?
8 Ukwicisha bugufi ni ntahara kugira ngo duhimbarwe mw’ishirahamwe ry’Imana twongere dushigikire ishengero. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye Petra, akaba ari umwigeme yakuriye mu muryango w’Ivyabona. Kubera ko Petra yipfuza gukora ibintu nk’uko agomba, yaritandukanije n’ishengero. Haciye imyaka, yarasubiye kwifatanya n’ishengero. Ubu arahimbawe no kuba ari mw’ishirahamwe rya Yehova kandi arashashaye gushigikira ishengero. Ubu hoho yafashijwe ni iki? Yandika ati: “Kugira ngo numve ko nisanze mw’ishirahamwe ry’Imana, kamere zibiri zihambaye nari nkeneye gutahura no gutsimbataza kwari ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto.”
9. Umuntu yicisha bugufi abona gute imfungurwa zo mu vy’impwemu turonka, kandi kubera iki ivyo bituma arushiriza kuba kirumara?
9 Umuntu yicisha bugufi arakenguruka abikuye ku mutima intunganyo za Yehova, harimwo imfungurwa zo mu vy’impwemu. Ni co gituma umuntu nk’uwo yiga Bibiliya abigiranye ubwira akongera agasoma abigiranye umushasharo ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Cokimwe n’abandi basavyi ba Yehova b’abizigirwa, yoshobora kugira akamenyero ko kuza arasoma buri gisohokayandikiro gishasha imbere y’uko agishira mu bubiko bwiwe bw’ibitabu. Igihe tugaragaje ko dukenguruka twicishije bugufi mu gusoma no mu kwiga ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya, turatera imbere mu vy’impwemu, kandi Yehova arashobora kurushiriza kudukoresha mu murimo wiwe.—Heb. 5:13, 14.
10. Dushobora gute kugaragaza agatima nk’ak’umuto mw’ishengero?
10 Uwigenza nk’umuto ni “mukuru” mu bundi buryo. Buri shengero usanga ririmwo abagabo bakwije ibisabwa bagenywe biciye ku buyobozi bw’impwemu nyeranda ya Yehova kugira ngo basukure ari abakurambere. Barashiraho intunganyo zo mu vy’impwemu nk’amakoraniro y’ishengero, umurimo wo mu ndimiro be n’ukugendera abavukanyi cungere. Igihe tugaragaje agatima nk’ak’umuto mu gushigikira izo ndinganizo n’umutima ukunze, turagira ico duterereye ku munezero, amahoro n’ubumwe vy’ishengero. (Soma Abaheburayo 13:7, 17.) Nimba uri umukurambere canke umukozi w’ishengero, ntukengurukira none Yehova wicishije bugufi kuba yaraguteye agateka k’umurimo nk’ako?
11, 12. Ni agatima akahe kazotuma turushiriza kugirira akamaro ishirahamwe rya Yehova, kandi ni kubera iki ivyo ari ukwo biri?
11 Umuntu yigenza nk’umuto ni “mukuru,” ni ukuvuga ko arushiriza kugirira akamaro ishirahamwe rya Yehova, kubera ko ukwicisha bugufi kwiwe gutuma aba umusavyi w’Imana mwiza kandi kirumara. Yezu yabwirijwe gukebura abigishwa biwe ngo bigenze nk’abato kubera ko agatima kari keze ico gihe kari karagize akosho kuri bamwebamwe muri bo. Muri Luka 9:46 hagira hati: “Ivyiyumviro bibinjiramwo ku bijanye n’uwobaye mukuru muri bo.” Twoba natwe twotangura kwiyumvira ko hari ukuntu turuta abo dusangiye ukwemera canke abandi bantu? Abantu benshi bo mw’isi idukikuje usanga bakora ibintu babitumwe n’ubwibone be n’ubwikunzi. Nimuze duce kure ubwibone mu gukorana ukwicisha bugufi. Igihe tubigenjeje gutyo kandi tugashira imbere ukugomba kwa Yehova, turarushiriza kubera abavukanyi bacu na bashiki bacu abagenzi baruhura.
12 Mu vy’ukuri, inkeburo Yezu yaduhaye yo kwigenza nk’abato iratuvyurira umutima wo kugira ico dukoze. Ntidukwiye none kwihatira kugaragaza agatima nk’ak’umuto mu mice yose y’ubuzima bwacu? Nimuze twitwararike bimwe bidasanzwe imice itatu.
NIWIHATIRE KUBA UMUTO
13, 14. Umugabo canke umugore bakwiye gute kwigenza nk’umuto, kandi ivyo bigira ico bikoze gute ku mubano w’ababiranye?
13 Mu mubano w’ababiranye. Abantu benshi muri iki gihe bararazwa ishinga cane n’uburenganzira bwabo ku buryo babuharanira naho nyene kubigenza gutyo bituma bahonyanga uburenganzira bw’abandi. Ariko rero, umuto ayoborwa n’agatima Paulo yaturemesheje kugira. Mw’ikete yandikiye Abaroma, agira ati: “Dukurikirane ibiremesha amahoro be n’ivyubaka abandi.” (Rom. 14:19) Umuntu yigenza nk’umuto aragiranira amahoro n’abantu bose na canecane uwo bubakanye yikundira.
14 Rimbura ibijanye no kwisamaza. Umugabo n’umugore boshobora kuba badakunda bimwe mu bijanye no kwisamaza. Kumbure umugabo akunda kwigumira i muhira atekanye mu gihe co kwisamaza maze akisomera igitabu. Umugore na we yoshobora kuba yikundira gusohoka canke gutemberera abagenzi. None uwo mugore ntivyorushiriza kumworohera kwubaha umugabo wiwe igihe abona yuko uno agaragaza ukwicisha bugufi akongera akitwararika abikuye ku mutima ivyo uwo mugore akunda be n’ivyo yanka aho kurazwa ishinga gusa n’ivyo we yikundira? Vyongeye, ese ukuntu uwo mugabo akunda umugore wiwe akongera akamuha agaciro mu gihe abona yuko uno atarondera gusa ko ibintu bigenda nk’uko we ubwiwe agomba mugabo ko yitwararika ivyo umugabo wiwe yipfuza! Ubucuti bwo mu mubano w’ababiranye burakomera igihe umwe wese mu bawugize yigenza nk’umuto.—Soma Abafilipi 2:3, 4.
15, 16. Dawidi yaremesheje agatima akahe muri Zaburi ya 131, kandi ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute ku nyifato tugira mw’ishengero?
15 Mw’ishengero. Muri iyi si, usanga abantu benshi bashaka kuronka ubwo nyene ivyo bipfuza. Kuri bo, ukwihangana ni ikintu c’imbonekarimwe, ukurindira na kwo babona ko ari ikigeragezo. Gutsimbataza agatima nk’ak’umuto biradufasha kurindira Yehova. (Soma Zaburi 131:1-3.) Ivyiza biva ku kwicisha bugufi no kurindira Yehova ni ugutekanirwa n’imihezagiro, uguhumurizwa n’ugushira akanyota. Ntibitangaje kuba Dawidi yararemesheje Abisirayeli bagenziwe kurindira Imana yabo bihanganye.
16 Urashobora guhumurizwa muri ubwo buryo igihe urindira Yehova wicishije bugufi. (Zab. 42:5) Ushobora kuba “[wipfuza] igikorwa ciza” ukaba rero uriko “urondera gushikira ibanga ry’umucungezi.” (1 Tim. 3:1-7) Ego ni ko, urakwiye gukora uko ushoboye kwose kugira ngo ureke impwemu nyeranda itsimbataze muri wewe kamere umucungezi akeneye. Mugabo tuvuge iki mu gihe bigufashe igihe kirekire magingo abandi binyaruka? Umuto, uno akaba arindira yihanganye agateka k’umurimo, arabandanya gukorera Yehova anezerewe kandi agahimbarwa n’igikorwa ico ari co cose ashinzwe.
17, 18. (a) Ni ivyiza ibihe bivamwo igihe dusavye ikigongwe tukaba kandi twiteguriye kukigirira abandi? (b) Mu Migani 6:1-5 haturemesha kugira iki?
17 Mu migenderanire tugiranira n’abandi. Abantu benshi birabagora gusaba ikigongwe. Ariko rero, abasavyi b’Imana baratsimbataza agatima nk’ak’umuto mu kwemera amakosa yabo no mu gusaba ikigongwe. Bariteguriye kandi kubabarira abandi amakosa yabo. Mu gihe ubwibone butuma haba ukwica ibice n’amahane mw’ishengero, kubabarira abandi vyovyo biremesha amahoro.
18 Twoshobora gukenera ‘kwicisha bugufi’ mu gusaba ikigongwe uwundi muntu tubikuye ku mutima, ni mu gihe tudashoboye gushitsa ivyo twasezeranye bitumwe n’ibintu bitatuvuyeko. Umukirisu yicisha bugufi, naho yoshobora guta umwikomo ku bandi ku rugero runaka, ararazwa ishinga n’amakosa yiwe bwite kandi akaba yiteguriye kuyemera.—Soma Imigani 6:1-5.
19. Ni imvo izihe zotuma umwe wese muri twebwe akenguruka impanuro Bibiliya itanga yo kwigenza nk’umuto?
19 Ese ukuntu dukenguruka kuba Ivyanditswe bituremesha gutsimbataza agatima nk’ak’umuto! Naho rimwe na rimwe vyotugora kugaragaza agatima nk’ako, kubona mu buryo bubereye ikibanza turimwo tukigereranije n’ic’Umuremyi wacu maze tugatahura ukwicisha bugufi kwiwe, birashobora kutuvyurira umutima wo gutsimbataza iyo kamere nziza. Nitwabigenza gutyo, tuzorushiriza vy’ukuri kuba abasavyi ba Yehova kirumara. Ese rero umwe wese muri twebwe yokwigenza nk’umuto!
a Si ko basanzwe bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.