ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr22 Nyakanga rup. 1-15
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2022
  • Udutwe
  • 5-11 NYAKANGA
  • 12-18 NYAKANGA
  • 19-25 NYAKANGA
  • 26 NYAKANGA–2 GITUGUTU
  • 3-9 GITUGUTU
  • 10-16 GITUGUTU
  • 17-23 GITUGUTU
  • 24-30 GITUGUTU
  • 31 GITUGUTU–6 MUNYONYO
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2022
mwbr22 Nyakanga rup. 1-15

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

5-11 NYAKANGA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 9-10

“Nushemeze Yehova kubera ubukerebutsi bwiwe”

w99 1/7 30 ing. 6

Urugendo rwabaye ngirakamaro

Igihe uwo mwamikazi yaja kuraba Salomo, yaramugejeje mu kumubaza “ibibazo bigoye.” (1 Abami 10:1) Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha rirashobora guhindurwa ngo “ubupfindo.” Ariko ivyo ntibisobanura ko uwo mwamikazi yashaka kujajura na Salomo. Igishimishije ni uko muri Zaburi 49:4 hakoresha iryo jambo nyene mu kwerekeza ku bibazo bikomeye bijanye n’igicumuro, urupfu n’incungu. Muri ubwo buryo nyene, n’umwamikazi wa Sheba yariko araganira na Salomo ibibazo bihambaye kugira ageze uko ubukerebutsi bwiwe bungana. Bibiliya ivuga ko “[yatanguye] kumubwira ivyari bimuri ku mutima vyose.” Salomo na we “amwishura ibibazo vyiwe vyose. Nta kibazo na kimwe cananiye umwami ngo ntakimwishure.”​—1 Abami 10:2b, 3.

w99 1/11 20 ing. 6

Igihe hari ugutanga kwa cane

Igihe umwamikazi yajorezwa n’ivyo yumvise kandi akabona, yishuranye ukwicisha bugufi ati: “Hahiriwe aba basuku bawe bama bahagarara imbere yawe, bumviriza ubukerebutsi bwawe!” (1 Abami 10:4-8) Naho abasuku ba Salomo bari bakikujwe n’ibihinda, ntiyavuze ko ari vyo vyatuma bahimbarwa. Ahubwo riho, abasuku ba Salomo bari barahezagiwe kubera ko bama bumviriza ubukerebutsi Imana yahaye Salomo. Ese ukuntu umwamikazi wa Sheba ari akarorero keza ku basavyi ba Yehova muri iki gihe, abama bungukira ku bukerebutsi bw’Umuremyi ubwiwe no ku bw’Umwana wiwe Yezu Kristu!

w99 1/7 30-31

Urugendo rwabaye ngirakamaro

Umwamikazi wa Sheba yaratangajwe cane n’ubukerebutsi bwa Salomo be n’ubutunzi bw’ubwami bwiwe gushika aho ‘hadasubira kuba impemu muri we.’ (1 Abami 10:4, 5, akajambo k’epfo) Hari abatahura ko ayo majambo asobanura ko uwo mwamikazi ‘atasubiye guhema.’ Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga mbere ko yaravye! Uko vyagenze kwose, uwo mwamikazi yarumijwe n’ivyo yabonye n’ivyo yumvise. Yavuze ko abasuku ba Salomo bari bahiriwe kubera bumviriza ubukerebutsi bw’uwo mwami, yongera arahezagira Yehova kubera yimitse Salomo ngo abe umwami. Yaciye rero aha umwami ingabirano zizimvye cane, inzahabu zonyene tuzishize mu gaciro k’amahera y’iki gihe zikaba zangana n’amadolari 40.000.000 (nk’amarundi 79.920.000.000). Salomo na we nyene yaratanze ingabirano, akaba yahaye uwo mwamikazi “ivyamuhimbara vyose yasavye.”​—1 Abami 10:6-13.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w08 1/11 22 ing. 4-6

Woba wari ubizi?

Umwami Salomo yari afise inzahabu zingana gute?

Ivyanditswe bivuga yuko umwami Hiramu w’i Tiro yarungikiye Salomo itoni zine z’inzahabu, umwamikazi w’i Sheba amuha izingana nk’uko nyene, kandi amato ya Salomo yamuzanira amatoni arenga 15 y’inzahabu zivuye muri Ofiru. Iyo nkuru ivuga iti: “Amazahabu yaza kwa Salomo mu mwaka mu mwaka, ukuriba kwayo kwashika italanto amajana atandatu na mirongwitandatu na zitandatu,” ni ukuvuga nk’amatoni 25. (1 Abami 9:14, 28; 10:10, 14) None ivyo vyoba vyumvikana? Mbega muri ivyo bihe mu bubiko bw’i bwami hari inzahabu zingana gute?

Hari icandiko ca kera, ico incabwenge zemeza ko ari ico kwizigirwa, kivuga yuko Farawo Tutumozisi wa gatatu wo mu Misiri (yabayeho mu kimpumbi ca kabiri B.G.C.) yashikanye nk’amatoni 13 n’igice y’inzahabu mu rusengero rw’ikimana Amôn-Râ i Karnak. Mu kinjana c’umunani B.G.C., Umwami Tigulati-pileseri wa gatatu w’i Ashuri, yaronka ishikanwa ry’amatoni arenga 4 y’inzahabu rivuye i Tiro, Umwami Sarugoni wa kabiri na we yashikaniye ibimana vy’i Babuloni inzahabu zingana gutyo nyene. Bivugwa ko Umwami Filipo wa kabiri w’i Makedoniya (yatwaye mu 359-336 B.G.C.) yacukura buri mwaka amatoni arenga 28 y’inzahabu mw’icukuriro ry’ubutare ry’i Pangée muri Thrace.

Igihe Alegizandere Mukuru umuhungu wa Filipo (yatwaye mu 336-323 B.G.C.) yigarurira igisagara c’Abaperesi c’i Susa, bivugwa ko yagikuyemwo amatoni agera ku 1.180 y’inzahabu, be n’uko akarere kose k’Abaperesi yagakuyemwo amatoni yababa 7.000. Dufatiye kuri ayo makuru rero, dusanga Bibiliya itarenza urugero igihe ivuga ibijanye n’inzahabu Umwami Salomo yari afise.

12-18 NYAKANGA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 11-12

“Nuhitemwo neza uwo muzokwubakana”

w18.07 18 ing. 7

“Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova?”

7 Akarorero k’Umwami Salomo karashobora kutwigisha vyinshi. Akiri muto, yariheka kuri Yehova kugira amuyobore. Imana yaramuhaye ubukerebutsi budasanzwe yongera imushinga kwubaka rwa rusengero rw’akataraboneka rwari i Yeruzalemu. Mugabo Salomo yaratakaje ubucuti yari afitaniye na Yehova. (1 Abm. 3:12; 11:1, 2) Itegeko ry’Imana ryaratomora ko umwami w’Umuheburayo adakwiye “kwigwiriza abagore, kugira umutima wiwe ntuhave ukevya.” (Gus. 17:17) Salomo yararenze iryo tegeko, amaherezo yabira abagore 700. Yarazanye n’incoreke 300. (1 Abm. 11:3) Benshi mu bagore biwe bari abanyamahangakazi basenga imana z’ikinyoma. Salomo rero yaragambaraye itegeko ry’Imana mu kwabira n’abagore b’abanyamahangakazi.​—Gus. 7:3, 4.

w19.01 15 ¶6

Wozigama gute umutima wawe?

6 Shetani ashaka ko tumera nka we, tukirengagiza ingingo ngenderwako za Yehova kandi tukarangwa n’ubwikunzi. Ntashobora kuduhata ngo twiyumviriye canke ngo dukore nka we. Aca rero agerageza kubishikako mu bundi buryo. Nk’akarorero, aratuma dukikuzwa n’abantu yamaze kwonona. (1 Yoh. 5:19) Aba yizigiye ko tuzokwemera kumarana umwanya na bo, naho nyene tuzi ko abagenzi babi ‘bonona’ ivyiyumviro vyacu n’ingeso zacu. (1 Kor. 15:33) Ukwo ni ko yabigenjeje ku Mwami Salomo. Salomo yarabiriye abagore benshi b’abapagani, bakaba bahavuye bamugirako akosho gakomeye maze “bahengekera umutima wiwe” kure ya Yehova.​—1 Abm. 11:3.

w18.07 19 ing. 9

“Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova?”

9 Mugabo rero, Yehova ntiyigera yirengagiza amakosa. Bibiliya ivuga iti: “Yehova arurumbira ishavu Salomo, kuko umutima wiwe wari warahengamiye kure ya Yehova . . . , uwari yaramubonekeye incuro zibiri kandi ku bijanye n’ico kintu, yari yamutegetse kudakurikira izindi mana; mugabo ntiyari yaragumije ico Yehova yari yarategetse.” Imana yaciye rero ireka kumushigikira. Abamukomotseko ntibabaye bakiganza ihanga rya Isirayeli ryose kandi baramaze imyaka myinshi bashikirwa n’ingorane.​—1 Abm. 11:9-13.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w18.06 14 ing. 1-4

Yari gushobora gushimwa n’Imana

Rehobowamu yaciye akoranya ingabo kugira arwanye abamugararije. Ariko Yehova abacishije ku muhanuzi Shemaya, yamubwiye ati: “Ntimuduge kurwanya bene wanyu, bene Isirayeli. Umwe wese nasubire ku nzu yiwe, kuko ari jewe natumye ico kintu kiba.”​—1 Abm. 12:21-24.

Ngo ntarwane? Ibaze ukuntu ico kintu gitegerezwa kuba carababaje Rehobowamu! Abantu bobonye gute uwo mwami yari yavuze ko azokubitisha “ibishishaguzo” abatwarwa biwe ariko ntashobore kurwanya ubwo bugarariji bweruye? (Gereranya na 2 Ngoma 13:7.) Naho ari ukwo, umwami be n’ingabo ziwe “[baragamburutse] ijambo rya Yehova, basubira i muhira nk’uko Yehova yari avuze.”

Ni icigwa ikihe tuhakura? Ni vyiza kugamburukira Imana n’igihe vyoshobora gutuma abandi batugaya. Kugamburukira Imana bituma idushima kandi ikaduhezagira.​—Gus. 28:2.

None Rehobowamu yahakuye ivyiza ibihe? Amaze kugamburuka akareka kurwanya iryo hanga rishasha, yaciye yitwararika kwubaka ibisagara vy’imiryango yari agitegeka, ni ukuvuga uwa Yuda n’uwa Benyamini. Yarakomeje “cane rwose” ibisagara bitari bike. (2 Ngo. 11:5-12) N’igihambaye kuruta, yaramaze igihe yisunga amategeko ya Yehova. Bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi bwaganzwa na Yerobowamu, bwaragiye mu vyo gusenga ibigirwamana. Ivyo vyatumye abantu benshi bo muri bwo baja i Yeruzalemu “[gu]shigikira Rehobowamu” kuko ari ho hari ugusenga kw’ukuri. (2 Ngo. 11:16, 17) Ukugamburuka kwiwe rero kwarakomeje ubwami bwiwe.

19-25 NYAKANGA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 13-14

“Kubera iki twobumbwa n’ivyo dufise kandi tukifata ruto?”

w08 15/8 8 ing. 4

Tugume turi intahemuka tudafise imitima ibiri

4 Yerobowamu aca abwira uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: “Ngwino tujane i wanje, ndakuzimane, nteko ndagutāsure”. (1 Abm. 13:7) None uwo muhanuzi aza gukora iki? Yoba akwiye kwemera kwakirwa n’uwo mwami kandi ahejeje kumushikiriza ubutumwa bwo kumucira urubanza? (Zab. 119:113) Canke yoba akwiye kwanka ubwo butumire bw’umwami, naho uno asa n’uwuriko aradogombwa? Nta gukeka ko Yerobowamu afise uburyo bwo guha abagenzi biwe udushimwe umuyoro kandi tuzimvye cane. Niba uwo muhanuzi w’Imana hari icipfuzo cihishije kijanye n’ukuronka ibintu vy’umubiri yitsimbatajemwo, ico kintu umwami amwemereye kirashobora kumubera ikigeragezo gikomeye cane. Ariko rero, Yehova yari yategetse uwo muhanuzi ati: ‘Ntuze ugire ico urya, canke ngo unywe n’amazi, kandi ntuze usubire mu nzira wazananye.’ Ni co gituma uwo muhanuzi asubizayo ata kurya umunwa, ati: “Naho wompa igihimba c’ivyo mu ngoro yawe, nta ho twojana i wawe; kandi sinshobora kugira ico ndīra ino, canke ngo ndahanywere n’amazi.” Uwo muhanuzi araheza akava i Beteli aciye mu yindi nzira. (1 Abm. 13:8-10) None iyo ngingo uwo muhanuzi yafashe itwigisha iki ku bijanye n’ukudahemuka kuvuye ku mutima?​—Rom. 15:4

w08 15/8 11 ing. 15

Tugume turi intahemuka tudafise imitima ibiri

15 Ni ikindi cigwa ikihe dushobora kwigira kw’ikosa wa muhanuzi w’i Buyuda yakoze? Mu Migani 3:5 havuga hati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe.” Uwo muhanuzi w’i Buyuda, aho kuguma yiheka kuri Yehova nk’uko yari asanzwe abigira, ico gihe ho yizigiye ukuntu ubwiwe yabona ibintu. Iryo kosa yakoze ryatumye ahasiga ubuzima yongera aratakaza izina ryiza yari afise imbere y’Imana. Mbega ukuntu ivyo bintu vyamushikiye bishira ahabona mu buryo bukomeye akamaro ko gusukurira Yehova twifata ruto kandi tudahemuka!

w08 15/8 9 ing. 10

Tugume turi intahemuka tudafise imitima ibiri

10 Uwo muhanuzi w’i Buyuda yari gushobora guhinyura amayeri y’uwo muntu yahoze ari umuhanuzi. Yari gushobora kwibaza ati: ‘Ni kubera iki Yehova yari kurungika umumarayika kubwira uwundi muntu ubundi buyobozi nokurikiza?’ Uwo muhanuzi yari gushobora gusaba Yehova kumutomorera neza ico akwiye gukora, ariko Ivyanditswe ntivyerekana ko yoba yarabigize. Ahubwo riho, baciye ‘basubirana inyuma [n’uwo mutama] kugira amuhere i we ico arya n’ico anywa.’ Ivyo ntivyahimbaye Yehova. Igihe uwo muhanuzi yari yahenzwe amaherezo yasubira gufata inzira aja i Buyuda, yarahuye n’intambwe maze ica iramwica. Mbega ukuntu uwo muhanuzi yarangije igikorwa ciwe mu buryo buteye agahinda!​—1 Abm. 13:19-25.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w10 1/7 29 ing. 5

Ituronderamwo iciza

Igihambaye kuruta vyose, amajambo dusanga mu 1 Abami 14:13 (NW) aratwigisha ikintu ciza cane ku bijanye na Yehova be n’ico aturonderamwo. Wibuke ko hari iciza “cabonetse muri” Abiya. Biboneka ko Yehova yasesanguye umutima wa Abiya gushika awubonyemwo iciza na gitoyi. Nk’uko incabwenge imwe yabivuze, ugereranije Abiya n’abo mu muryango wiwe, yari nk’akabuyenge kamwe rudende “mu kirundo c’amabuye.” Yehova yarashimye cane ico ciza yongera arabimuhera impera mu kugirira imbabazi ku rugero runaka uwo muntu umwe wo mu muryango w’abantu b’ababisha.

26 NYAKANGA–2 GITUGUTU

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 15-16

“Woba ugaragaza umutima rugabo nka Asa?”

w12 15/8 8 ing. 4

“Igikorwa canyu kiri n’impera”

Mu myaka 20 yakurikiye igihe Isirayeli yagaburwamwo ubwami bubiri, Yuda yari yarononywe cane n’imigenzo ya gipagani. Igihe Asa yaba umwami mu 977 B.G.C., mbere n’ikirimba c’umwami cari carahumanijwe n’ugusenga imana z’ivy’irondoka z’Abanyakanani. Mugabo inkuru yahumetswe yigana ivyo ku ngoma ya Asa, ivuga yuko “[yatanguye] gukora ivyari vyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yiwe.” Asa “[yarakuyeho] ibicaniro vy’ibinyamahanga n’ibibanza bikirurutse, amenagura inkingi nyeranda yongera yicira ibikingi vyeranda.” (2 Ngo. 14:2, 3) Vyongeye, Asa yarakuye mu bwami bwa Yuda “abamaraya b’urusengero b’abagabo,” bano bakaba bararyamana n’abo basangiye igitsina bitwaje idini. Igikorwa Asa yakoze nticagarukiye gusa ku gutikiza ivyo bintu. Yaranahimirije abantu “kurondera Yehova Imana ya ba sekuruza babo” no gukurikiza “itegeko n’ibwirizwa” ry’Imana.​—1 Abm. 15:12, 13; 2 Ngo. 14:4.

w17.03 19 ing. 7

Nukorere Yehova n’umutima ukwiye!

7 Umwe wese muri twebwe arakwiye gusuzuma umutima wiwe, akaraba ko ugamburukira Imana uherejeko. Niwibaze uti: ‘Noba niyemeje guhimbara Yehova, kurwanira ugusenga kw’ukuri no gukingira abasavyi biwe akosho kabi ako ari ko kose?’ Iyumvire nawe ingene vyasavye Asa umutima rugabo kugira ahagurukire Mayaka, kandi yari “umugore w’iteka” muri ico gihugu! Naho kumbure ata muntu uzi akora nk’ivya Mayaka, hoshobora gushika ibintu bigusaba kugira ishaka nk’irya Asa. Nk’akarorero, wokora iki bishitse incuti yawe canke umugenzi somambike agacumura ntiyigaye, maze agacibwa mw’ishengero? Woba wofata ingingo ruhasha yo kudasubira kwifatanya n’uwo muntu? None umutima wawe wokubwira gukora iki?

it-1 195

Asa

Naho vyashika Asa ntakorane ubukerebutsi kandi ntiyerekane ko atinya Imana, Yehova yaramushimye kubera kamere nziza ziwe no kuba yararwanya ubuhuni. Abonwa ko yabaye umwe mu bami b’abizigirwa ba Yuda. (2Ng 15:17) Ikiringo c’imyaka 41 yamaze ku ngoma kireha canke kingana n’ikiringo abami umunani ba Isirayeli baganje, ari bo: Yerobowamu, Nadabu, Bayasha, Ela, Zimuri, Omuri, Tibuni (yaganje igice kimwe ca Isirayeli mu gihe kimwe na Omuri uwo batacana uwaka), be na Ahabu. (1Bm 15:9, 25, 33; 16:8, 15, 16, 21, 23, 29) Igihe Asa yapfa umuhungu wiwe Yehoshafati ni we yamusubiriye ku ngoma.​—1Bm 15:24.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w98 15/9 21-22

Imana yoba atari umugani kuri wewe?

Nk’akarorero, nusome ubuhanuzi bwerekeye igihano uwosubiye kwubaka Yeriko yoronse maze ubone ingene bwarangutse. Muri Yosuwa 6:26 hagira hati: “Yosuwa arahiza indahiro ico gihe nyene ati: ‘Arakavumwa imbere ya Yehova umugabo azohaguruka akubaka koko iki gisagara, egome, iki gisagara Yeriko. Niyashinga umushinge waco aze abure imfura yiwe, kandi niyahagarika imiryango yaco aze abure umuhererezi wiwe.’” Ivyo vyararangutse haciye nk’imyaka 500, kubera ko mu 1 Abami 16:34 hagira hati: “Mu misi [y’Umwami Ahabu], Hiyeli Umunyabeteli yubaka Yeriko. Ashinze umushinge waho, abura Abiramu imfura yiwe; ashizeho imiryango yaho na ho, abura Segubu umuhererezi wiwe, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yaravuze biciye kuri Yosuwa mwene Nuni.” Imana y’ukuri ni yo yonyene yovuga ubuhanuzi nk’ubwo kandi igatuma buranguka.

3-9 GITUGUTU

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 17-18

“Muzogeza ryari gucumbagira ku vyiyumviro bibiri bitandukanye?”

w17.03 14 ing. 6

Nugaragaze ukwizera ufate ingingo nziza!

6 Igihe Abisirayeli bashika mu Gihugu c’isezerano, bategerezwa guhitamwo hagati yo gusenga Yehova no gukorera izindi mana. (Soma Yosuwa 24:15.) Iryo hitamwo ryasa n’iryoroshe cane. Ariko rero, ingingo bari gufata yari gutuma bapfa canke bakira. Mu gihe c’Abacamanza, Abisirayeli barahisemwo nabi incuro nyinshi. Barateye akagere Yehova, basenga imana z’ikinyoma. (Abac. 2:3, 11-23) Mu gihe c’umuhanuzi Eliya na ho, uwo muhanuzi yarabasavye atomora ngo bahitemwo gukorera Yehova canke imana y’ikinyoma Bayali. (1 Abm. 18:21) Eliya yarabahambariye kubera ko batafata ingingo. Hari uwokwiyumvira ko iyo ngingo yari yoroshe gufata, kuko gukorera Yehova vyama biranga ubukerebutsi kandi vyama ari ngirakamaro. Nkako, nta muntu afise ubwenge yari guhurumbira Bayali. Abo Bisirayeli bobo bishinze “gucumbagira ku vyiyumviro bibiri.” Birashimishije rero kubona Eliya yabahimirije guhitamwo gusenga Imana Rudasumbwa, Yehova.

ia 88 ing. 15

Yaraburaniye ugusenga gutyoroye

15 Abo baherezi ba Bayali baciye barushiriza kuba abasazi, batangura “guhamagara n’ijwi ryabo ryose no kwikebaguza intambi n’amacumu nk’uko umugenzo wabo wari, gushika bivishije amaraso.” Yamara ivyo vyose vyabaye ubusa! Iyo nkuru ibandanya iti: “Ntihagira ijwi ryumvikana, ntihagira uwishura, kandi ntihaboneka ukwitabwaho na kumwe.” (1 Abm. 18:28, 29) Muri make, Bayali ntiyabaho. Uwo Bayali cari ikintu ciyumviriwe na Shetani kugira ngo azimize abantu abakure kuri Yehova. Ico womenya ni uko umuntu ahisemwo uwundi shebuja uwo ari we wese uretse Yehova, bimushikana ku gutaha zirayoye, mbere akamaramara.​—Soma Zaburi 25:3; 115:4-8.

ia 90 ing. 18

Yaraburaniye ugusenga gutyoroye

18 Imbere yuko Eliya atura isengesho, iryo sinzi ry’abantu rishobora kuba ryaribajije nimba Yehova atari guhava agaragara ko ari umuhumvyi, nk’uko vyari vyagaragaye kuri Bayali. Ariko rero, amaze gutura iryo sengesho, nta mwanya wo gukekeranya wiriwe uraboneka. Iyo nkuru ivuga iti: “Nuko umuriro wa Yehova urakoroka maze urigata nya shikanwa riturirwa, na nya nkwi, na ya mabuye, n’umukungugu, ufyeta na ya mazi yari mu muvo.” (1 Abm. 18:38) Ese ukuntu iyo yari inyishu itangaje! None abantu bavyakiriye gute?

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w08 1/4 19, uruzitiro

Yagumye agavye yongera ararindira

Rwa ruzuba rwatera mu gihe ca Eliya rwamaze ikiringo kingana gute?

Eliya umuhanuzi wa Yehova, yaramenyesheje Umwami Ahabu yuko uruzuba rwari rumaze igihe kinini rwari rugiye kurangira. Ivyo vyabaye “mu mwaka ugira gatatu,” bikaba biboneka ko umuntu aharura ahereye igihe Eliya yavuga ari bwo bwa mbere yuko urwo ruzuba rwoteye. (1 Abami 18:1) Haciye akanya gatoya Eliya avuze ko Yehova yogwishije imvura, Yehova yarayigwishije. Hari rero aboca bashika ku ciyumviro c’uko urwo ruzuba rwarangiye umwaka ugira gatatu rwari kumara utarahera, ku bw’ivyo rero rukaba rwamaze ikiringo kiri musi y’imyaka itatu. Ariko rero, Yezu na Yakobo bompi batubwira yuko urwo ruzuba rwamaze “imyaka itatu n’amezi atandatu.” (Luka 4:25; Yakobo 5:17) None Bibiliya yoba yivuguruza ku bijanye n’ico kintu?

Ihibambewe! Urabona, muri Isirayeli ya kera hari ukuntu ici ryamara ikiringo kirekire, rikaba ryarashobora kumara ikiringo gishika ku mezi atandatu. Nta mazinda ko igihe Eliya yaja kumenyesha Ahabu ko hoteye uruzuba vyari bimaze kugaragara ko ici ryari rimaze igihe kirekire bimwe bidasanzwe kandi rikaba rikaze. Mu bisanzwe, urwo ruzuba rwari rwatanguye hafi igice c’umwaka imbere y’aho. Ku bw’ivyo rero, igihe Eliya yamenyesha ko urwo ruzuba rugiye kurangira, “mu mwaka ugira gatatu” uhereye igihe yaheruka kumenyeshereza ko rwoteye, urwo ruzuba rwari rumaze kumara hafi ikiringo c’imyaka itatu n’igice. Iyo “myaka itatu n’amezi atandatu” vyuzuye, vyari bimaze kurangira igihe abantu bose bakoranira ku Musozi Karumeli kugira ngo bibonere rya suzuma rikomeye ryahabera.

Nurimbure rero ico urugendo rwa mbere Eliya yagize aja kwa Ahabu rwashitseko. Abantu biyumvira ko Bayali ari we “yayobora ibicu,” akaba yo mana yotumye imvura igwa kugira ngo ici rihere. Kubera yuko ici ryamaze ikiringo kinini abantu batari bamenyereye ko rimara, birashoboka ko bibaza bati: ‘Bayali ari hehe? None azogwisha imvura ryari?’ Amajambo Eliya yavuze y’uko imvura itoguye, eka mbere n’uko urume rutotonze gushika igihe yovugiye ko vyobonekeyeko, ategerezwa kuba yarababaje cane abo basavyi ba Bayali.​—1 Abami 17:1.

10-16 GITUGUTU

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 19-20

“Nuronderere uruhoza kuri Yehova”

w19.06 15 ing. 5

Niwiheke kuri Yehova igihe uri mu maganya

5 Soma 1 Abami 19:1-4. Eliya yaragize ubwoba igihe Umwamikazi Yezebeli yariko arondera kumwica. Yaciye ahungira i Beyeri-sheba. Yari yacitse intege cane ku buryo “atangura gusaba ko yokwipfira.” None ni igiki catumye acika intege gutyo? Eliya ntiyari atunganye. “Yari umuntu yiyumva nk’uko twiyumva.” (Yak. 5:17) Ashobora kuba yari yarengewe n’amaganya hamwe n’uburuhe. Biboneka ko Eliya yiyumviriye yuko utwigoro twose yagize ngo aremeshe abantu gusenga Yehova twabaye impfagusa, ko Abisirayeli batigeze bigarura be n’uko ari we musavyi wa Yehova wenyene yari asigaye. (1 Abm. 18:3, 4, 13; 19:10, 14) Hari aho twotangazwa n’ingene uwo muhanuzi w’intahemuka yumvise amerewe. Ariko Yehova wewe yaramutahuye.

ia 103 ing. 13

Yarahojejwe n’Imana yiwe

13 Wibaza ko Yehova yumvise amerewe gute yitegereje kw’isi ari mw’ijuru, akabona umuhanuzi mukundwa avugisha arambaraye munsi y’ico giti mu gahinga, ariko yisabira ko urupfu rwoza rukamwikorera? Nta wokwirirwa arahwihwisha. Eliya amaze gutwarwa n’agatiro, Yehova yaramurungikiye umumarayika. Uwo mumarayika yaciye amukorako aramuvyura mu bugwaneza maze amubwira ati: “Vyuka urye.” Eliya yaciye avyuka kugira arye, kuko uwo mumarayika yari yamuteguriye abigiranye umutima mwiza icibo gisanzwe c’umukate ugishushe n’amazi. Eliya yoba yarashimiye uwo mumarayika? Inkuru ivuga gusa ko uwo muhanuzi yariye aranywa, aca asubira kuryama. Yoba yari yacitse intege ku buryo bidakunda n’uko akurako umunwa? Icabiteye caba ari ikihe, uwo mumarayika yarasubiye kumuvyura, kumbure mu mutwenzi. Yasubiye kandi guhimiriza Eliya ati: “Vyuka urye,” aca yongerako aya majambo ashimishije agira ati: “Kuko urugendo ari rurerure birenze kuri wewe.”​—1 Abm. 19:5-7.

ia 106 ing. 21

Yarahojejwe n’Imana yiwe

21 Kuri kimwekimwe cose muri ivyo bintu vy’akumiza vyerekana ububasha bw’ibidukikije, inkuru ivyigana iratwibutsa yuko Yehova atari muri vyo. Eliya yari azi ko Yehova atari imana y’amayobera yo mu bidukikije nka ya mana Bayali yashemagizwa n’abayisenga bavuga ngo ni yo “iyobora ibicu” canke ngo ni yo izana imvura, kandi atari vyo. Yehova ni we Sôko nyakuri ry’ububasha bwose buteye akoba bwibonekeza mu bidukikije, ariko kandi ararengeye kure n’iyo ibintu vyose yaremye. N’amajuru ari amajuru tubona ntashobora kumukwira! (1 Abm. 8:27) None ivyo bintu vyose vyabaye vyafashije gute Eliya? Niwibuke ubwoba yari afise. Ko Imana Yehova yari ku ruhande rwiwe, Imana yari ifise ubwo bubasha bwose buteye ubwoba, nta mvo n’imwe Eliya yari afise yo gutinya Ahabu na Yezebeli!​—Soma Zaburi 118:6.

ia 106 ing. 22

Yarahojejwe n’Imana yiwe

22 Wa muriro umaze kurengana, haciye haba agahwekere maze Eliya arumva “ijwi ritekanye, ryo hasi.” Iryo jwi ryarahaye Eliya akandi karyo ko kugira ico avuze, kandi yarabigize, arasubira gusuka ibiri mu mutima wiwe mu guserura imyitwarariko afise. Ivyo bishobora kuba vyaratumye arushiriza kwumva aruhuriwe. Ariko rero, Eliya ategerezwa kuba yararushirije kwumva ahojejwe aho yumviye amajambo iryo “jwi ritekanye, ryo hasi” ryaciye ryongerako. Yehova yaramusubirije umutima mu nda mu kumwereka yuko atari imburakimazi. Uti yabimweretse gute? Yaramuhishuriye ibitari bike ku vyerekeye umugambi w’igihe kirekire yari afise wo kurwanya insengo ya Bayali muri Isirayeli. Vyari bitomoye yuko igikorwa Eliya yari yarakoze kitari cabaye impfagusa, kuko umugambi w’Imana wariko utera imbere ata kiwubuza. N’ikindi kandi, Eliya yari agifise uruhara muri uwo mugambi, kuko Yehova yaciye amurungika ngo asubire ku gikorwa, aramubwira ibintu bimwebimwe bitomoye akwiye gukora.​—1 Abm. 19:12-17.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w97 1/11 31 ing. 1

Akarorero ko kwitanga no kudahemuka

Muri iki gihe, benshi mu basavyi b’Imana baragaragaza agatima ko kwitanga nk’ako nyene. Bamwe barasize “amatongo,” ni ukuvuga ivyari bibabeshejeho, kugira bamamaze inkuru nziza mu turere twa kure canke bakorere kuri Beteli. Abandi na bo baragiye gukorera mu bindi bihugu ku mashantiye y’ubwubatsi y’ishirahamwe. Benshi baremeye gukora ivyo bamwe babona ko ari ibikorwa biciye bugufi. Ariko rero nta n’umwe mu basukurira Yehova akora igikorwa ata co kivuze. Yehova arakunda abo bose bamukorera babikunze, kandi azohezagira agatima kabo ko kwitanga.​—Mariko 10:29, 30.

17-23 GITUGUTU

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAMI 21-22

“Niwigane ukuntu Yehova akoresha ubukuru”

it-1 1266

Yehova nyen’ingabo

Igihe Yosuwa yabona umumarayika aje amugana hafi ya Yeriko maze akamubaza nimba yoba ari ku ruhande rwa Isirayeli canke rw’abansi, yamwishuye ati: “Oya, ahubwo jewe ubu naje bwa mukuru w’ingabo za Yehova.” (Yos 5:13-15) Umuhanuzi Mikaya yabwiye umwami Ahabu n’umwami Yehoshafati ati: “Ndabona koko Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe, n’ingabo zose zo mu majuru zihagaze iruhande yiwe, iburyo bwiwe n’ibubamfu bwiwe,” bikaba biboneka ko yerekeza ku bamarayika ba Yehova. (1Bm 22:19-21) Kuba imvugo ngo “Yehova nyen’ingabo” ikoreshwa mu bwinshi birabereye, kubera ko ingabo za Yehova bitavugwa gusa ko zigabuwe mu mice y’abakerubi, abaserafi n’abamarayika (Yes 6:2, 3; It 3:24; Ivy 5:11) ariko kandi zitunganijwe mu migwi, ku buryo na Yezu yavuze ko abisavye yari kuronka “legiyoni z’abamarayika zirenga cumi na zibiri.” (Mt 26:53) Mw’isengesho Hezekiya yatuye asaba Yehova ngo amufashe, yamwise ngo “Yehova nyen’ingabo, Mana ya Isirayeli, wewe wicaye ku bakerubi,” bikaba biboneka ko yariko yerekeza kw’isandugu y’isezerano n’abakerubi bari bashushanije ku murumyo wayo, ivyagereranya intebe y’ubwami ya Yehova mw’ijuru. (Yes 37:16; gereranya na 1Sm 4:4; 2Sm 6:2.) Umusuku wa Elisha yari atekewe n’ubwoba yarahumurijwe n’ikintu gitangaje yabonye. Yabonye imisozi ikikuje akarere Elisha yabamwo “[yu]zuye amafarasi n’imikogote y’intambara y’umuriro,” bakaba bari bamwe mu bamarayika ba Yehova.​—2Bm 6:15-17.

w21.02 4 ing. 9

‘Umutwe w’umugabo wese ni Kristu’

9 Ukwicisha bugufi. Naho Yehova afise ubukerebutsi ntangere, arumviriza ivyiyumviro vy’abasavyi biwe. (Ita. 18:23, 24, 32) Yaremeye ko abo afiseko ubukuru bamuterera ivyiyumviro. (1 Abm. 22:19-22) Yehova aratunganye ariko ntiyiteze ko muri iki gihe tuba abatunganye. Ahubwo riho, arafasha abantu kuroranirwa naho badatunganye. (Zab. 113:6, 7) Nkako, Bibiliya mbere ivuga ko Yehova ari “umufasha.” (Zab. 27:9; Heb. 13:6) Umwami Dawidi yariyemereye ko atari gushobora kurangura igikorwa gihambaye yari yashinzwe gukora, iyo Yehova aticisha bugufi ngo amufashe.​—2 Sam. 22:36.

it-2 255

Ububeshi

Yehova Imana arareka ‘ubuzimire bugakorera’ ku bantu bahitamwo kwemera ibitari vyo kugira “ngo bemere ikinyoma” aho kwemera inkuru nziza yerekeye Yezu Kristu. (2Ts 2:9-12) Ico kintu kiragaragarira mu vyashikiye umwami Ahabu wa Isirayeli, ubu hakaba haciye imyaka amajana n’amajana. Abahanuzi b’ikinyoma barajijuye Ahabu ko azotahana intsinzi mu kugwanya Ramoti-gileyadi, mu gihe umuhanuzi wa Yehova yitwa Mikaya wewe yabuye ko hoguye ibara. Nk’uko Mikaya yavyeretswe, Yehova yararetse ikiremwa c’impwemu kiracika “impwemu ihendana” mu kanwa k’abahanuzi ba Ahabu. Ivyo bisobanura ko ico kiremwa c’impwemu cakoresheje ububasha bwaco kuri abo bahanuzi kugira ntibavuge ukuri, ahubwo bavuge ivyo bo ubwabo bipfuza kuvuga, bikaba ari na vyo Ahabu yipfuza ko bamubwira. Naho Ahabu yari yaburiwe, yahisemwo kwemera ububeshi bwabo bituma ahasiga ubuzima.​—1Bm 22:1-38; 2Ng 18.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w21.10 3 ing. 4-6

Ukwigaya nyakuri ni iki?

4 Amaherezo, ukwihangana kwa Yehova harageze igihe kurangira. Yararungitse Eliya kugira ngo amenyeshe Ahabu na Yezebeli urubanza yari yabaciriye. Umuryango wabo wose wategerezwa kurandurwa. Ivyo Eliya yavuze vyarababaje cane Ahabu. Igitangaje, uwo mugabo w’ubwibone yaciye ‘yicisha bugufi.’​—1 Abm. 21:19-29.

5 Naho ico gihe Ahabu yicishije bugufi, uko yavyifashemwo mu nyuma vyarerekanye ko atari yarigaye vy’ukuri. Ntiyagerageje gukuraho ugusenga Bayali mu bwami bwiwe. Vyongeye, ntiyaremesheje abantu ngo basenge Yehova. Hariho n’ibindi Ahabu yakoze vyerekana ko atari yarigaye.

6 Mu nyuma, igihe Ahabu yatumako Yehoshafati umwami mwiza wa Yuda ngo bajane kurwanya Abasiriya, Yehoshafati yatanze iciyumviro c’uko bobanza kubaza umuhanuzi wa Yehova. Ahabu yabanje kwanka ico ciyumviro. Yavuze ati: “Haracasigaye umugabo umwe twocishako mu gusiguza Yehova; mugabo jewe ndamwanka, kuko atabūra ibintu vyiza ku binyerekeye atari ibibi.” Naho ari ukwo, bahavuye basiguza umuhanuzi Mikaya. Emwe, Ahabu ntiyihenze! N’ubundi uwo muhanuzi yamubwiye amakuru adahumuriza. Aho guca yigaya ngo asabe imbabazi Yehova, uwo mwami mubi Ahabu yaciye ata mw’ibohero uwo muhanuzi. (1 Abm. 22:7-9, 23, 27) Naho uwo mwami yataye mw’ibohero uwo muhanuzi wa Yehova, ntiyashoboye kubuza ko ivyo yari yavuze bishika. Ahabu yiciwe muri urwo rugamba bari bagiyemwo.​—1 Abm. 22:34-38.

24-30 GITUGUTU

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 1-2

“Akarorero keza mu vyo kumenyerezwa”

w15 15/4 13 ing. 15

Ingene abakurambere bafasha abandi gukwiza ibisabwa

15 Inkuru yerekeye uwasubiriye Eliya ari we Elisha irerekana kandi ukuntu abavukanyi muri iki gihe bashobora guha abakurambere baciye uruma icubahiro bakwiriye. Inyuma y’aho Eliya na Elisha bamariye kugendera umugwi w’abahanuzi i Yeriko, abo bagabo babiri baciye bagenda ku Ruzi Yorodani. Bagezeyo, “Eliya . . . [yaratoye] impuzu y’ibango yiwe, arayizinga hanyuma akubita amazi, maze buhorobuhoro amazi arigabura.” Bamaze kujabuka baciye kw’isi yumutse, babandanije ‘kugenda bavuga.’ Biragaragara ko Elisha ataciye yibwira ko yari asigaye azi vyose. Elisha yarafashe nka nkama ijambo ryose yabwiwe n’umumenyereza wiwe Eliya gushika agiye. Eliya yaciye aduganwa mu gashururu. Mu nyuma Elisha agarutse kuri Yorodani, yarakubise amazi akoresheje ya mpuzu ya Eliya, aca arasemerera ati: “Yehova Imana ya Eliya ari hehe?” Amazi yaciye asubira kwigabura.​—2 Abm. 2:8-14.

w15 15/4 13 ing. 16

Ingene abakurambere bafasha abandi gukwiza ibisabwa

16 Woba wabonye ko igitangaro ca mbere Elisha yakoze casa neza na neza n’igitangaro ca nyuma Eliya yakoze? Kubera iki ivyo bishimishije? Biboneka ko Elisha atiyumviriye ko abwirizwa guca ahindura ingene ibintu vyahora bikorwa ngo ni uko ari we yari asigaye abibazwa. Ahubwo nyabuna, mu kubandanya gukora ibintu nk’uko Eliya yabikora, Elisha yarerekanye ko yaha umumenyereza wiwe icubahiro akwiriye, bikaba vyaratumye abahanuzi bagenziwe bamwizigira. (2 Abm. 2:15) Ariko rero mu nyuma, mu myaka 60 Elisha yamaze ari umuhanuzi, Yehova yaratumye akora ibindi bitangaro vyinshi kuruta Eliya. Ni icigwa ikihe uhakura wewe umenyerezwa muri iki gihe?

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 1/8 9 ing. 1

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Kabiri

2:11​—‘Ijuru Eliya yaduganywemwo n’agashururu’ ryari irihe? Iryo juru ntihari ahantu kure cane mu kirere kandi ntihari ahantu Imana be n’abana bayo b’abamarayika baba (Gusubira mu vyagezwe 4:19; Zaburi 11:4; Matayo 6:9; 18:10). “Ijuru” Eliya yaduganywemwo cari ikirere kiri hafi y’isi (Zaburi 78:26; Matayo 6:26). Kubera yuko uwo mukogote waciye mu kirere cegereye isi, bisa n’uko wimuriye Eliya mu kindi gice c’isi, aho yabandanije kuba mu gihe kinaka. Kukaba nkako, haciye imyaka, Eliya yarandikiye ikete Yehoramu umwami w’i Buyuda.​—2 Ngoma 21:1, 12-15.

31 GITUGUTU–6 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 3-4

“Tora umuhungu wawe”

w17.12 4 ing. 7

“Ndazi ko azozuka”

7 Igitangaro kigira kabiri co kuzura umuntu kivugwa mu Vyanditswe cakozwe n’umuhanuzi Elisha, uwasubiriye Eliya. Umugore w’Umwisirayeli yari azwi cane yaba i Shunemu, yaragaragarije Elisha ubwakiranyi budasanzwe. Biciye kuri uwo muhanuzi, Imana yarahezagiye uwo mugore atari afise akana be n’umugabo wiwe yari yitereye mu myaka. Bararonse umwana mugabo haciye imyaka arapfa. Iyumvire nawe intuntu uwo mugore yagize! Yarasavye uruhusha umugabo wiwe maze aragira urugendo rw’ibilometero nka 30, asanga Elisha ku Musozi Karumeli. Elisha yaciye arungika i Shunemu umusuku wiwe Gehazi ngo abitangire imbere. Gehazi ntiyashoboye kuzura uwo mwana. Mu nyuma, wa muvyeyi yari atuntuye be na Elisha barashitse.​—2 Abm. 4:8-31.

w17.12 5 ing. 8

“Ndazi ko azozuka”

8 Elisha yarahagaze iruhande y’ico kiziga maze atangura gusenga. Wa mwana yahavuye asubira kuba muzima aca amushikiriza nyina. Emwe nyina yarishwe n’umunezero! (Soma 2 Abami 4:32-37.) Ashobora kuba yaciye yibuka isengesho Hana uwahoze ari ingumba yatuye igihe yajana Samweli kw’Itaberenakulo. Yavuze ati: ‘Yehova aramanura mu kuzimu akaba n’uwukurayo.’ (1 Sam. 2:6) Mu kuzura uwo mwana w’i Shunemu, Yehova yarerekanye ko ashoboye kuzura abapfuye.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 672 ing. 6

Abahanuzi

“Abahungu b’abahanuzi.” Nk’uko igitabu kimwe (Gesenius’ Hebrew Grammar) kibivuga (Oxford, 1952, rup. 418), ijambo ry’igiheburayo ben (umuhungu wa) canke benehʹ (abahungu ba) rirashobora kwerekeza “k’uwo mu mugwi canke mu muryango (canke uwo mw’ihanga, canke wo mu kibano kanaka).” (Gereranya na Neh 3:8, aho ‘uwo mu bavanzi b’amavuta manovu’ yitwa ijambo ku rindi ngo “umuhungu wo mu bavanzi b’amavuta manovu.”) Imvugo ngo “abahungu b’abahanuzi” yoshobora kwerekeza ku bari mw’ishure ryo kumenyerezwa muri uwo mwuga canke ikaba yerekeza gusa ku bari mw’ishirahamwe ry’abahanuzi. Iyo migwi y’abahanuzi iravugwa ko yari i Beteli, i Yeriko n’i Gilugali. (2Bm 2:3, 5; 4:38; gereranya na 1Sm 10:5, 10.) Samweli yarayoboye umugwi wabo i Rama (1Sm 19:19, 20), kandi biboneka ko Elisha na we nyene yari afise ikibanza nk’ico nyene mu gihe ciwe. (2Bm 4:38; 6:1-3; gereranya na 1Bm 18:13.) Hari inkuru yerekana ko biyubakiye aho baba bagatira n’igikoresho, ivyo bikaba bishobora kwerekana ko babaho mu buryo busanzwe. Naho kenshi baba hamwe bagasangira n’ibifungurwa, barashobora gushingwa ibikorwa bitandukanye vyo kuja kuvuga ubuhanuzi.​—1Bm 20:35-42; 2Bm 4:1, 2, 39; 6:1-7; 9:1, 2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika