ICIGWA CA 9
Gukoresha neza amashusho
Itanguriro 15:5
INCAMAKE: Nukoreshe amashusho kugira ufashe abakwumviriza gutahura neza ivyo uriko urabigisha no kuvyibuka.
UKO WOBIGIRA:
Nuhitemwo neza ivyo werekana. Nukoreshe amafoto, ibicapo, imirongo yerekana ibihe, amakarata n’ibindi kugira ushimike ku vyiyumviro nyamukuru. Nufashe abakwumviriza kwibuka icigwa washatse kwigisha, aho kwibuka gusa ico kintu waberetse.
Niwitwararike ko babona neza ivyo uriko urabereka.