ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr22 Munyonyo rup. 1-12
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2022
  • Udutwe
  • 7-13 MUNYONYO
  • 14-20 MUNYONYO
  • 21-27 MUNYONYO
  • 28 MUNYONYO–4 KIGARAMA
  • 5-11 KIGARAMA
  • 12-18 KIGARAMA
  • 19-25 KIGARAMA
  • 26 KIGARAMA–1 NZERO
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2022
mwbr22 Munyonyo rup. 1-12

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

7-13 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 5-6

“Abari kumwe natwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo”

it-1 728 ing. 5

Elisha

Isirayeli ikizwa Abasiriya. Mu gihe c’ingoma y’Umwami Yehoramu wa Isirayeli, Abasiriya baragize umugambi wo gutera giturumbuka Isirayeli. Incuro nka zingahe zose, Elisha yarica ivyo Beni-hadadi yaba yateguye, kuko yahishurira Umwami Yehoramu akantu kose yakora. Mu ntango Beni-hadadi yiyumvira yuko umwe mu bantu biwe yoba amumenera amabanga. Ariko igihe yamenya umuntu yaza aramumenera amabanga, yaciye arungika abasoda i Dotani, bari kumwe n’amafarasi n’imikogote y’intambara ngo baje gufata Elisha. (IFOTO, Igitabu ca 1, rup. 950) Umusuku wa Elisha yaratekewe n’ubwoba, ariko Elisha yaciye asaba Imana ngo yugurure amaso y’uwo musuku. Uwo musuku yaciye abona ‘akarere k’imisozi kuzuye amafarasi n’imikogote y’intambara y’umuriro hirya no hino ya Elisha.’ Igihe Abasiriya bariko baregereza, Elisha yaciye asenga asaba Imana ngo ikore igitangaro gihushanye n’ico yakoreye wa musuku. Yasenze ati: “Ndakwinginze uteze uruhumyi iri hanga.” Elisha yaciye abwira abo Basiriya ati: “Nkurikire.” Ariko Elisha ntiyarinze kubafata amaboko ngo abayobore, bikaba vyerekana ko batari bahumye buhume ahubwo bari bahumye mu bwenge. Ntibamenye Elisha, kandi ari we bari baje gufata, eka kandi ntibamenye iyo yariko arabajana.​—2Bm 6:8-19.

w13 15/8 30 ing. 2

Elisha yarabonye imikogote y’umuriro​—Woba nawe uyibona?

Naho Elisha yari akikujwe n’abansi i Dotani, yagumye atekanye. Uti kubera iki? Kubera ko yizera Yehova bimwe bikomeye. Na twebwe nyene turakeneye ukwizera nk’ukwo. Nimuze rero dusenge dusaba impwemu nyeranda y’Imana kugira ngo dushobore kugaragaza ukwizera be n’iyindi mice y’icamwa c’impwemu.​—Luka 11:13; Gal. 5:22, 23.

it-1 409 ing. 4

Uruhumyi

Uruhumyi rwateye ingabo za Siriya bivuye kw’ijambo rya Elisha biraboneka neza ko rwari uruhumyi rwo mu bwenge. Iyaba izo ngabo zose zari zahumye buhume, bari kuziyobora bazifashe amaboko. Ariko iyo nkuru ivuga gusa ngo Elisha yazibwiye ati: “Iyi si yo nzira, kandi iki si co gisagara. Nkurikire.” Kuri ico kintu cabaye, uwitwa William James mu gitabu ciwe [Principles of Psychology (1981, Igitabu ca 1, rup. 59)] avuga ati: “Ingaruka nyamukuru iva ku kwononekara kw’igice co hejuru kigize ubwonko ni uruhumyi rwo mu bwenge. Ivyo ntibituma umuntu atabona ibintu, ku buryo adashobora kubitahura. Bisigurwa ko umuntu abona ikintu ariko ntamenye ico ari co; biva ku kuba igice c’ubwonko gikorana n’amaso kitaba kiriko kirakorana neza n’igice c’ubwonko gitanga amakuru.” Ubwo bushobora kuba ari bwo bwoko bw’uruhumyi Yehova yakuye ku basoda b’Abasiriya igihe bashika i Samariya. (2Bm 6:18-20) Ubwo buhumyi bwo mu bwenge bushobora kandi kuba ari bwo bwari bwafashe ba bagabo b’i Sodomu, kubera ko twisunze iyo nkuru, ntibigeze babona ko bahumye, ahubwo bagumye bagerageza kurondera aho umuryango w’inzu ya Loti uri.​—It 19:11.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 1/8 9 ing. 2

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Kabiri

5:15, 16​—Ni kubera iki Elisa yanse ingabirano Namani amuhaye? Elisa yaranse iyo ngabirano kubera yari azi ko igitangaro c’ugukiza Namani cakozwe bivuye ku bushobozi bwa Yehova, kitakozwe bivuye ku bushobozi bwiwe bwite. Ntiyorose arira mbege kw’ibanga yashinzwe n’Imana. Abasavyi b’Imana b’ukuri bo muri iki gihe ntibarondera kwungukira ku murimo barangurira Yehova. Barashira ku muzirikanyi impanuro Yezu yatanze igira iti: “Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi”.​—Matayo 10:8.

14-20 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 7-8

“Yehova yaratumye haba ikintu kitari citezwe”

it-1 729

Elisha

Ariko mu nyuma, Beni-hadadi ntiyasubiriye kuza araja kubundira umwami wa Isirayeli, ahubwo yaciye agaba igitero ca gisirikare, aja gusugereza Samariya. Ukwo gusugereza kwarakomeye cane ku buryo n’imiburiburi incuro imwe babwiye umwami yuko hari umugore yariye umwana wiwe. Narirya Umwami Yehoramu yari “umuhungu w’umwicanyi” kubera ko yakomoka kuri Ahabu, yaciye arahira ararengwa ko abwirizwa kwica Elisha. Ariko ntiyabaye agishitsa iyo ndahiro yarahiye atabanje kwiyumvira. Igihe Yehoramu yashika kwa Elisha ari kumwe n’igisongerezi ciwe, yavuze ko ata cizigiro agifise c’uko Yehova yobafashije. Elisha yarakuye amazinda umwami yuko ku musi ukurikira hobonetse ibifungurwa vyinshi cane. Ico gisongerezi c’umwami nticemeye ko ivyo bintu bishoboka, bica bituma Elisha akibwira ati: “Ehe uzobibona n’amaso yawe, mugabo ntuzobiryako.” Yehova yaratumye mw’ikambi y’Abasiriya humvikana urwamo rwinshi, abo Basiriya baca biyumvira ko hari amahanga yagize urunani ariko araza kubatera, baca barahunga, bata ikambi yabo n’ibifungurwa vyose vyari yo. Igihe umwami yamenya ko Abasiriya bagiye, yaciye ashira ca gisongerezi ciwe kw’irembo rya Samariya ngo kihacunge. Igihe Abisirayeli bari bishwe n’ikigoyi bariko baranigana baja kwiba ibintu vyari muri iyo kambi, barahonyanze ca gisongerezi gushika n’aho gipfa. Carabonye ivyo bifungurwa ariko nticabiriyeko.​—2Bm 6:24–7:20.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 108 ing. 6

Itara

Abami bakomoka kuri Dawidi. Yehova Imana yarashinze Umwami Dawidi ngo aganze Isirayeli, kandi Dawidi ayobowe na Yehova yarerekanye ko ari indongozi y’inkerebutsi. Ni co gituma yiswe “itara rya Isirayeli.” (2Sm 21:17) Mw’isezerano ry’ubwami Yehova yagiranye na Dawidi, yamusezeraniye ati: “Intebe y’ubwami yawe izoshimangirwa gushika igihe kitagira urugero.” (2Sm 7:11-16) Ku bw’ivyo, abami bose bakomoka kuri Dawidi biciye ku muhungu wiwe Salomo, bari “itara” rya Isirayeli.​—1Bm 11:36; 15:4; 2Bm 8:19; 2Ng 21:7.

21-27 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 9-10

“Yarakoranye umutima rugabo, umwiyemezo n’umwete”

w11 15/11 3 ing. 2

Yehu ashigikira ugusenga gutyoroye

Yehu yashinzwe igikorwa igihe ihanga rya Isirayeli ryari rigeze habi. Ico gihugu caragirwako akosho kabi na Yezebeli, uno akaba yari umupfakazi asigwa na Ahabu, akaba na nyina w’umwami yari ku ngoma Yehoramu. Yararemesha abantu gusenga Bayali aho gusenga Yehova, akica abahanuzi b’Imana, akongera akonona abantu biciye ku “busambanyi” bwiwe n’“ubupfumu bwiwe.” (2 Abm. 9:22; 1 Abm. 18:4, 13) Yehova yaratanze itegeko ryo guherengeteza inzu yose ya Ahabu, harimwo na Yehoramu be na Yezebeli. Yehu ni we yabwirizwa kuja imbere muri ico gikorwa.

w11 15/11 4 ing. 2-3

Yehu ashigikira ugusenga gutyoroye

Aho Yehu amariye kwanka kugira ico abwiye intumwa zibiri zari zirungitswe kuri we, yarahuye n’Umwami Yehoramu be n’uwo bari bafatanije ari we Ahaziya, umwami wa Yuda, umwe wese akaba yari mu mukogote wiwe. Igihe Yehoramu yabaza Yehu ngo “Ni amahoro ga Yehu?” uno yaciye amwishura ati: “Hoba amahoro nyabaki kandi hakiriho ubusambanyi bwa Yezebeli nyoko n’ubupfumu bwiwe bwinshi?” Yehoramu atewe ubwoba n’iyo nyishu amuhaye, yaciye ahindukira ngo ahunge. Mugabo Yehu yariko aranyaruka cane kugira ngo amushikire! Yaciye afora umuheto, arasa Yehoramu umwampi umutobekeranya umutima, aca agwa bwarumye mu mukogote wiwe. Naho Ahaziya yashoboye guhunga, Yehu yahavuye amukurikirana maze ategeka yuko na we nyene yicwa.​—2 Abm. 9:22-24, 27.

Umuntu wo mu nzu ya Ahabu yari ashikiriwe kwicwa yari wa mwamikazi w’umubisha Yezebeli. Birabereye kubona Yehu yamwise “ico kivume.” Igihe Yehu yinjira i Yezireyeli ari mu mukogote, yarabonye Yezebeli ariko araraba hasi acishije mw’idirisha ry’inzu y’umwami. Yehu atarinze kuvuga menshi, yategetse abakozi bo ku kirimba ngo bakorore Yezebeli bamucishije muri iryo dirisha. Yaciye ahonyangisha amafarasi yiwe uwo muntu yari yarononye Isirayeli yose. Inyuma y’aho, Yehu yarishe abandi bantu benshi cane bo mu nzu ya wa mubisha Ahabu.​—2 Abm. 9:30-34; 10:1-14.

w11 15/11 5 ing. 3-4

Yehu ashigikira ugusenga gutyoroye

Ni ivy’ukuri ko Yehu yasheshe amaraso menshi. Yamara, Ivyanditswe vyerekana ko yari umuntu w’umutima rugabo yakijije Isirayeli intwaro y’agahotoro ya Yezebeli n’umuryango wiwe. Kugira ngo indongozi ya Isirayeli iyo ari yo yose ishobore gukora ico kintu, yabwirizwa kuba ifise umutima rugabo, ugushikama n’umwete. Inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya ivuga iti: “Cari igikorwa kigoye kandi cakozwe mu buryo bwitondewe. Birashoboka yuko ugusenga Bayali kutari kuranduranwa n’imizi muri Isirayeli iyo hadafatwa ingingo ruhasha nk’izo.”

Nta nkeka yuko ubona ko ibintu bishikira abakirisu muri iki gihe bisaba yuko bagaragaza kamere zimwezimwe nk’izo Yehu yari afise. Nk’akarorero, dukwiye kuvyifatamwo gute igihe twohejwe gukora ikintu ico ari co cose Yehova yanka? Dukwiye kuciyamiriza tudatebaganye, tubigiranye umutima rugabo n’umwete. Ku bijanye n’ukwihebera Imana kwacu, ntidushobora kwihanganira ubukeba na bumwe kuri Yehova.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w11 15/11 5 ing. 6-7

Yehu ashigikira ugusenga gutyoroye

Yehu ashobora kuba yabona yuko kugira ngo ubwami bwa Isirayeli bwiganzure Yuda vyasaba ko ubwo bwami bubiri butifatanya mu bijanye no gusenga. Ku bw’ivyo, nk’uko abari bahoze ari abami ba Isirayeli babigenza, yaragerageje gutuma buguma butandukanye mu gutsimbataza ivyo gusenga inyana. Mugabo ivyo vyerekanye ko atizera Yehova, uwari yamugize umwami.

Yehova yarakeje Yehu kubera ko ‘yagize neza mu gukora ibigororotse mu maso y’Imana.’ Naho vyari ukwo, “Yehu ntiyitwarari[tse] kugendera mw’itegeko rya Yehova Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose.” (2 Abm. 10:30, 31) Uravye ibindi bintu vyose Yehu yari yarakoze, ico kintu yakoze woshobora kubona yuko gitangaje kandi kibabaje. Yamara, kirafise ico kitwigisha. Ntidukwiye kwigera twanjanjwa ku bucuti dufitaniye na Yehova. Ku musi ku musi, turakwiye kurushiriza kuba intahemuka ku Mana mu kwiga Ijambo ryayo, mu kurizirikana, no mu gutura Data wa twese wo mw’ijuru amasengesho avuye ku mutima. Ku bw’ivyo, nimuze twitwararike bimwe bidasanzwe kuguma tugendera mw’itegeko rya Yehova n’umutima wacu wose.​—1 Kor. 10:12.

28 MUNYONYO–4 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 11-12

“Umugore w’umubisha ahahamira ubutegetsi yarahanywe”

it-1 217

Ataliya

Cokimwe na nyina wiwe Yezebeli, Ataliya yaroheje umugabo wiwe Yehoramu ngo akore ivyari bibi mu maso ya Yehova, mu kiringo c’imyaka umunani yamaze atwara. (1Bm 21:25; 2Ng 21:4-6) Kandi cokimwe na nyina wiwe, Ataliya yarasheshe amaraso y’abantu b’intungane abahora ubusa. Igihe umuhungu wiwe w’umubisha Ahaziya yapfa amaze umwaka umwe ku ngoma, Ataliya yaciye yica abandi bana bose bo mu nda y’ingoma. Harokotse gusa umwana yitwa Yehowasi, kuko umuherezi mukuru n’umugore wiwe bamunyegeje, uwo mugore akaba yari inasenge wa Yehowasi. Mu nyuma Ataliya yariyimitse aba umwamikazi, amara imyaka itandatu aganza, nko kuva mu 905-899 imbere ya Kristu. (2Ng 22:11, 12) Abahungu biwe bari barivye ibintu vyose vyari mu rusengero rwa Yehova, babishikanira Bayali.​—2Ng 24:7.

it-1 217

Ataliya

Igihe Yehowasi yari ashikanye imyaka indwi, Umuherezi mukuru Yehoyada yatinya Imana yarakuye uwo muhungu mu kinyegero amwambika urugori rw’ubwami kugira aje ku ngoma ari umwami abifitiye uburenganzira. Igihe Ataliya yumva uruyogoyogo, yaciye yihutira kuja ku rusengero. Abonye ivyariko biraba, yaciye yiha akamo ati: “Ni umugambi mubi! Ni umugambi mubi!” Umuherezi mukuru Yehoyada yaciye ategeka ko bamusohora bakamukura mu kigo c’urusengero, bakaja kumwicira mu rwinjiriro rw’amafarasi rw’inzu y’umwami. Ashobora kuba ari we yari asigaye mu bakomoka ku mubisha Ahabu. (2Bm 11:1-20; 2Ng 22:1–23:21) Aya majambo yaragaragaye ko ari ay’ukuri, ayagira ati: “[Nta] na kimwe mw’ijambo rya Yehova kizokorokera hasi kitarangutse mu vyo Yehova yavuze ku nzu ya Ahabu”!​—2Bm 10:10, 11; 1Bm 21:20-24.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 1185

Yehowasi

Igihe cose Umuherezi mukuru Yehoyada yari akiriho, akaba yari nka se wa Yehowasi n’umuhanuzi wiwe, uwo mwami akiri muto yararoraniwe. Yubatse afise imyaka 21. Yari afise abagore babiri, umwe muri bo akaba yitwa Yehowadani. Yehowasi yabavyayeko abahungu n’abakobwa. Gutyo, abakomoka kuri Dawidi, abo Mesiya yokomotseko, barasubiriye gukomera, kuko bari barahatswe guherengetezwa.​—2Bm 12:1-3; 2Ng 24:1-3; 25:1.

5-11 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 13-15

“Akigoro kavuye ku mutima karavamwo imihezagiro myinshi”

w10 15/4 26 ing. 11

Woba uriko urakurikira Kristu bimwe bishitse?

11 Kugira ngo twerekane ko kuba abanyamwete mu murimo w’Imana bihambaye, nimuze turimbure ikintu cabaye mu buzima bw’Umwami wa Isirayeli ari we Yehowasi. Kubera ko Yehowasi yari arajwe ishinga n’uko Isirayeli yasa n’iyigira ikorokere mu maboko ya Siriya, yaraje kwa Elisa ariko ararira. Uwo muhanuzi yamutegetse kurasa umwampi mw’idirisha awerekeza kuri Siriya, ivyo bikaba vyerekana intsinzi yotahukanye kuri iryo hanga biciye mu kuboko kwa Yehova. Nta gukeka ko ivyo vyari bikwiye gutuma uwo mwami agarura agatege. Ubukurikira Elisa yarabwiye Yehowasi gutora imyampi yiwe akayikubita hasi. Yehowasi yakubise hasi incuro zitatu gusa. Ivyo vyatumye Elisa arurumba ishavu, kubera ko gukubita hasi incuro zitanu canke zitandatu vyari kwerekana yuko ‘yonesheje Abasiriya gushika abaherengeteje.’ Yehowasi rero yatsinze incuro zitatu gusa mu buryo budashitse. Kubera ko Yehowasi atakoranye umwete, yaroraniwe ku rugero rutoyi. (2 Abm. 13:14-19) None iyo nkuru itwigisha iki? Yehova azoduhezagira cane mu gihe gusa dukorana umutima wacu wose umurimo wiwe kandi tukawukorana umwete.

w13 1/11 11 ing. 5-6

“Ihemba abayironderana ubwira”

None ni bande Yehova aha impembo? Paulo avuga ati: “Abayironderana ubwira.” Igitabu kimwe gifasha abahinduzi ba Bibiliya kivuga yuko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘kuyironderana ubwira’ ridasobanura “ukuja kurondera” Imana, ahubwo ko ririmwo iciyumviro co kwiyegereza Imana “kugira uyisenge.” Hari ikindi gitabu gisobanura yuko iryo rivuga ry’ikigiriki riri mu mero itanga iciyumviro co kugira ishaka be n’akigoro gakomeye. Egome, Yehova araha impembo abafise ukwizera gutuma bamusenga babigiranye ishaka n’umutima wabo wose.​—Matayo 22:37.

None Yehova aha impembo gute abamusenga babigiranye ukwizera? Yasezeranye kuzobaha impembo y’agaciro ntangere ishira ahabona urukundo rwiwe be n’ugutanga cane kwiwe, iyo na yo ikaba ari ukubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Abarondera Yehova babigiranye ubwira, no muri iki gihe barironkera imihezagiro myinshi. Bivuye ku mpwemu nyeranda y’Imana no ku bukerebutsi bwo mw’Ijambo ryayo, baragira ubuzima bumeze neza kandi burimwo agahimbare.​—Zaburi 144:15; Matayo 5:3.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 1/8 11 ing. 3

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Kabiri

13:20, 21​—Ico gitangaro coba gishigikira ivyo amadini akora vyo guha icubahiro kidasanzwe ibisigarira vy’abapfuye? Oya, ntikibishigikira. Bibiliya ntiyerekana ko amagufa ya Elisa yigeze yubahwa mu buryo budasanzwe. Ububasha bw’Imana ni bwo bwatumye ico gitangaro gishoboka, kandi ukwo ni ko vyagenze no ku bindi bitangaro vyose Elisa yakoze igihe yari akiri muzima.

12-18 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 16-17

“Ukwihangana kwa Yehova kurafise aho kugarukira”

it-2 868 ing. 4

Shalumaneseri

Aganza Isirayeli. Mu gihe c’ingoma y’Umwami Hosheya wa Isirayeli (nk. 758-740 imbere ya Kristu), Shalumaneseri yarashitse muri Palestina maze Hosheya aba umusuku wiwe, akaba yaza aramuha ikibuguro buri mwaka. (2Bm 17:1-3) Ariko rero, mu nyuma Hosheya yarananiwe kuriha ico kibuguro, aca yifatanya n’Umwami So wa Misiri mu mugambi mubi. (Raba SO.) Ku bw’ivyo, Shalumaneseri yaciye ashira Hosheya mw’ibohero, maze mu nyuma arasugereza Samariya imyaka itatu. Inyuma y’ivyo, impome zikomeye z’ico gisagara zaratemvye, Abisirayeli baca bajanwa mu bunyagano.​—2Bm 17:4-6; 18:9-12; gereranya na Hs 7:11; Ezk 23:4-10.

it-1 402

Ubunyagano

Haba kuri ya miryango cumi y’ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko no kuri ya miryango ibiri y’ubwami bwa Yuda bwo mu bumanuko, imvo yatumye baja mu bunyagano yari imwe: barahevye gusenga Yehova baja mu vyo gusenga imana z’ikinyoma. (Gus 28:15, 62-68; 2Bm 17:7-18; 21:10-15) Yehova ku ruhande rwiwe, yabandanije arungika abahanuzi biwe kugira baburire iyo miryango yompi ariko nta cavuyemwo. (2Bm 17:13) Nta n’umwe mu bami ba ya miryango cumi y’ubwami bwa Isirayeli yigeze akuraho buhere ugusenga kw’ikinyoma kwari kwatangujwe na Yerobowamu, umwami wa mbere w’iryo hanga. Ubwami bwa Yuda bwo mu bumanuko bwarananiwe kwumvira ingabisho zitomoye zava kuri Yehova kandi nta co bwigiye ku kuba Isirayeli yarajanywe mu bunyagano. (Yr 3:6-10) Amaherezo, abanyagihugu bo muri ayo mahanga yompi barajanywe mu bunyagano, buri hanga ryose rikaba ritagira rimwe.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 878

Abasamariya

Imvugo “Abasamariya” yatanguye kuboneka mu Vyanditswe inyuma y’aho bwa bwami bugizwe n’imiryango cumi bwa Samariya butsindiwe mu 740 imbere ya Kristu. Yerekezwa ku baba muri ubwo bwami bwo mu buraruko imbere y’uko butsindwa mu kubatandukanya n’abanyamahanga bahavuye bazanwa ng’aho bakuwe mu bindi bice vy’inganji ya Ashuri. (2Bm 17:29) Bigaragara ko Abashuri batatwaye Abisirayeli bose baba i Samariya, kuko inkuru yo mu 2 Ngoma 34:6-9 (gereranya na 2Bm 23:19, 20) yerekana ko mu gihe c’ingoma y’Umwami Yosiya hari Abisirayeli bari bakiri muri ico gihugu. Mu nyuma, imvugo “Abasamariya” yahavuye isigura abakomoka ku basigaye i Samariya no ku bo Abashuri bahazanye. Nta gukeka ko bamwebamwe bashobora kuba bakomotse ku mibano y’uruvange. Mu nyuma na ho, iryo zina ryahavuye ryerekeza cane kw’idini, aho kwerekeza ku bwoko kanaka canke ku gihugu. “Abasamariya” berekeza ku bari mw’idini ryari mu micungararo ya Shekemu na Samariya ya kera, ivyo bemera bikaba vyari batandukanye n’ivyo Abayuda bemera.​—Yoh 4:9.

19-25 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 18-19

“Ingene abaturwanya bagerageza gutuma tugoyagoya”

w05 1/8 11 ing. 5

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Kabiri

18:19-21, 25​—Hezekiya yoba yaragiraniye isezerano na Misiri? Oya. Ibirego vya Rabushake vyari ivy’ikinyoma, nka kurya nyene ivyo yavuze ko yari aje gutera “kubg’Uhoraho” vyari ikinyoma. Umwami Hezekiya w’intahemuka yihetse kuri Yehova gusa.

w10 15/7 13 ing. 3

“Ntutinye, ndagutabara”

Mu kigoro Rabushake yagize ko kugerageza kubateramwo inkeka, yarakoresheje ivyiyumviro birimwo uruyeri. Yavuze ati: ‘None Hezekiya ntiyakuyeho ibitabo n’ibicaniro vy’Uhoraho? Erega Uhoraho ni we nyene yambariye ati Duga utere ico gihugu ukirandure.’ (2 Abm. 18:22, 25) Rabushake yahaririye rero avuga yuko Yehova atorwaniye abasavyi biwe kubera ko batamuhimbara. Ariko ukwo si ko vyari bimeze. Yehova yarahimbarwa na Hezekiya be n’Abayuda bari baragarutse mu gusenga kw’ukuri.​—2 Abm. 18:3-7.

w13 15/11 19 ing. 14

Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe

14 Umwami wa Ashuri yarashinze ikambi i Lakishi, mu bumanuko bushira uburengero bwa Yeruzalemu. Ari ng’aho, yarategetse ico gisagara kwishikana, abicishije ku ntumwa zitatu. Umuvugizi wiwe, izina ryiwe ry’icubahiro rikaba ryari Rabushake, yarakoresheje ubuhinga butandukanye. Akoresheje igiheburayo, yarahimirije abantu guhemukira umwami maze bakayobokera Abashuri, abasezeranira abahenda yuko yobimuriye mu gihugu bokwibereyeho neza. (Soma 2 Abami 18:31, 32.) Rabushake yaciye avuga yuko, nk’uko nyene imana z’amahanga zitari zarashoboye gukingira abazisenga, ari na ko Yehova atoshoboye kurokora Abayuda mu vyara vy’Abashuri. Abantu babigiranye ubukerebutsi, ntibagerageje kugira ico bakoze ku bijanye n’iyo poropagande iranga agacokoro, ukwo akaba ari ko n’abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe bakunda kuvyifatamwo.​—Soma 2 Abami 18:35, 36.

yb74 176 ing. 2

Igice ca 2​—Ubudagi

Birashimishije kuba umusoda yakunda gukoresha amayeri adasanzwe kugira ngo atume abantu basinya kuri urwo rwandiko akenshi yaca ahindukirira abarusinyeko, akabakubagura mbere kuruta uko yabakubaguye batararusinyako. Karl Kirscht avuga ati: “Ivyabona vya Yehova baragizweko uruyeri rudasanzwe kurusha abandi bose bari mu makambi y’itunatuniro. Vyiyumvirwa ko ivyo vyotuma babajijura bagasinya kuri urwo rwandiko. Baguma basabwa kubikora. Bamwe barasinye, ariko incuro nyinshi babwirizwa kurindira nk’umwaka urenga kugira barekurwe. Ico gihe akenshi barateterezwa n’abo basoda, bakerekana ko ari indyadya n’abanyabwoba bakongera bakabahatira gukora ico bita ‘urugendo rw’iteka’ aho bazunguruka abavukanyi babo imbere y’uko bemererwa kuva mw’ikambi.”

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 170 ing. 3

Ubucukuzi

Nk’akarorero, inkuru iri muri Bibiliya ivuga ko Senakeribu umwami wa Ashuri yishwe n’abahungu biwe babiri, Adarameleki na Shareseri, maze asubirirwa ku Ngoma n’uwundi muhungu wiwe, Esari-hadoni. (2Bm 19:36, 37) Yamara, inkuru z’Abanyababiloni z’ingene ibintu vyagiye birakurikirana zerekana ko ku wa 20 Tebeti, Senakeribu yishwe n’umuhungu wiwe yari yagararije. Yaba Bérose, umuherezi w’umunyababiloni wo mu kinjana ca gatatu imbere ya Kristu, na Nabonide umwami w’umunyababiloni wo mu kinjana ca gatandatu imbere ya Kristu, bose babivuze ukwo nyene, ko Senakeribu yishwe n’umwe gusa mu bahungu biwe. Ariko, nk’uko vyerekanwa ku kimanyu c’ikibumbano giheruka kwuburwa citiriwe Esari-hadoni, uwasubiriye se wiwe Senakeribu ku ngoma, Esari-hadoni ubwiwe yivugiye neza ko benewabo (mu bwinshi) bagararije bakica se wabo bagaca bahunga. Mu kugira ico avuze kuri ivyo, uwitwa Philip Biberfeld, avuga mu gitabu ciwe [Universal Jewish History (1948, Igitabu ca I, rup. 27)] ati: “Zaba inkuru z’Abanyababiloni z’ingene ibintu vyagiye birakurikirana canke Nabonide na Bérose, bose barihenze; inkuru yo muri Bibiliya yonyene ni yo y’ukuri. Yaremejwe gushika ku tuntu tw’ido n’ido n’ivyanditswe na Esarihadoni kandi iyo nkuru yerekeye kahise k’Abanyababiloni n’Abashuri yaremejwe ko ari yo y’ukuri ugereranije n’uko ivugwa mu bitabu vy’Abanyababiloni. Ivyo birerekana yuko bihambaye ko umuntu asuzuma yitonze n’ibitabu vyo muri ico gihe bidahuza n’ivyo Bibiliya ivuga.”

26 KIGARAMA–1 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 20-21

“Isengesho ryaratumye Yehova agira ico akoze”

ip-1 394 ing. 23

Ukwizera kw’umwami kwararonse impera

23 Nko mu gihe Senakeribu yatangura kuduga kurwanya Yuda, Hezekiya yararwaye araremba. Yesaya yamubwiye ko yari agiye gupfa. (Yesaya 38:1) Uwo mwami w’imyaka 39 yarihebuye cane. Uretse ko yari arajwe ishinga n’amagara yiwe, yari arajwe ishinga kandi na kazoza k’ihanga ry’Imana. Yeruzalemu na Yuda vyari mu kaga ko kwigarurirwa n’Abashuri. None Hezekiya apfuye, ni nde yoyoboye ingabo? Ico gihe Hezekiya nta mwana yari afise yomusubiriye ku ngoma. Hezekiya yaratuye Yehova isengesho rivuye ku mutima amusaba ngo amugirire imbabazi.​—Yesaya 38:2, 3.

w17.03 21 ing. 16

Nukorere Yehova n’umutima ukwiye!

16 Mu nyuma, Hezekiya yararwaye ahakwa gupfa. Yaciye yinginga Yehova ngo yibuke ingene yagendeye imbere yiwe. (Soma 2 Abami 20:1-3.) Yehova yarishuye isengesho rya Hezekiya mu kumukiza. Ariko rero twisunze Bibiliya, turazi ko muri iki gihe cacu tudashobora kwitega yuko Imana idukiza ku gitangaro canke ngo itwongere imisi yo kubaho. Yamara cokimwe na Hezekiya, umwe wese muri twebwe arashobora kubwira Yehova mw’isengesho ati: “Nagendeye imbere yawe mu kuri, mfise umutima ukwiye.” Woba wizigira ko Yehova ashobora kugushigikira, naho woba uri ku musego?​—Zab. 41:3.

g01 22/7 13 ing. 4

Isengesho ryomfasha gute?

Mu bihe vya Bibiliya hari abagabo b’ukwizera bishuwe amasengesho yabo ubwo nyene, mbere mu buryo bw’igitangaro. Nk’akarorero, igihe Umwami Hezekiya yamenya ko indwara arwaye yari igiye kumuhitana, yaratakambiye Yehova ngo amukize. Imana yamwishuye iti: “Numvise isengesho ryawe. Nabonye amosozi yawe. Ehe ngira ngukize.” (2Bm 20:1-6) N’abandi bagabo n’abagore batinya Imana bariboneye ukuntu Imana yagize ico ikoze muri ubwo buryo nyene.​—1Sm 1:1-20; Dn 10:2-12; Ivk 4:24-31; 10:1-7.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 406 ing. 4

Ikiringanisho

Ikiringanisho kirashobora gukoreshwa mu kwubaka inyubakwa neza canke mu gupima ko igoroye. Yehova yari yaravuze ko yopimishije Yeruzalemu yononekaye “ikamba yo gupimisha yakoreshejwe kuri Samariya be n’ikiringanisho cakoreshejwe ku nzu ya Ahabu.” Imana yari yarapimye Samariya n’inzu ya Ahabu isanga vyarononekaye mu vy’inyifato runtu, bigoramanze, ivyo bikaba vyatumye bisangagurwa. Muri ubwo buryo nyene, Imana yociriye urubanza Yeruzalemu n’abatware baho, igashira ahabona ububi bwabo maze igasangarura ico gisagara. Ivyo nyene ni vyo vyabaye mu 607 imbere ya Kristu. (2Bm 21:10-13; 10:11) Biciye kuri Yesaya abirasi babi n’abatware b’abantu i Yeruzalemu baramenyeshejwe icago cari kigiye kubashikira n’amajambo ya Yehova agira ati: “Nzogira ubutungane ikamba yo gupimisha, ubugororotsi ndabugire ikiringanisho.” Ingingo ngenderwako z’ubutungane nyakuri n’ubugororotsi zohishuye abasavyi b’Imana b’ukuri n’abatari bo, bigatuma haba abozigamiwe ubuzima n’aboranduwe.​—Yes 28:14-19.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika