Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
© 2022 Christian Congregation of Jehovah’s Witnesses
2-8 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 22-23
“Kubera iki twokwicisha bugufi?”
w00 15/9 29-30
Ukwicisha bugufi kwa Yosiya kwatumye Yehova amushima
Kuva mu gitondo ca kare, abariko barasanura urusengero barakorana umwete. Nta gukeka ko Yosiya akengurukira Yehova kuba bariko barasanura ibintu ba sekuruza biwe b’ababisha bononye ku nzu y’Imana. Mu gihe igikorwa kikibandanya, hari agakuru Shafani azana. Ni agakuru akahe? Afise umuzingo! Avuga ko Umuherezi mukuru Hilikiya yatoye “igitabu c’itegeko rya Yehova ryatanzwe biciye ku kuboko kwa Musa.” (2 Ngoma 34:12-18) Mbega ikintu kidasanzwe batoye! Batoye ikopi yo mu ntango y’Itegeko!
Yosiya arashashaye kwumva amajambo yose ari muri ico gitabu. Igihe Shafani ariko aragisoma, umwami aragerageza kuraba ukuntu itegeko ryose ririmwo rimuraba hamwe n’abandi bantu. Arakorwa ku mutima canecane n’ukuntu ico gitabu gishimika ku gusenga kw’ukuri, kikerekana n’ingene abantu baramutse bisutse mu gusenga kw’ikinyoma boshikiwe n’ivyago bakajanwa no mu bunyagano. Yosiya arabona ko amategeko y’Imana yose atakurikijwe, agaca atantamura impuzu ziwe. Ategeka Hilikiya, Shafani n’abandi ati: ‘Nimusiguze Yehova, ku vyerekeye amajambo yo muri iki gitabu; kuko ubushangashirwe bwa Yehova bwatururumbiye ari bwinshi kubera ba sogokuruza bacu batumvirije amajambo yo muri iki gitabu.’—2 Abami 22:11-13; 2 Ngoma 34:19-21.
w00 15/9 30 ing. 2
Ukwicisha bugufi kwa Yosiya kwatumye Yehova amushima
Intumwa za Yosiya ziraja kwa Hulida, umuhanuzikazi aba i Yeruzalemu, maze zikamugarukanira inkuru. Hulida yari yabamenyesheje ijambo rya Yehova, arababwira ko ivyago vyari vyavuzwe muri ico gitabu bari batoye bizoshikira iryo hanga ryagararije. Ariko kubera ko Yosiya yicishije bugufi imbere ya Yehova Imana, ntiyobonye ivyo vyago. Yohambije ba sekuruza, akajanwa mu mva yiwe amahoro.—2 Abami 22:14-20; 2 Ngoma 34:22-28.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
w01 15/4 26 ing. 3-4
Urashobora kuroranirwa naho woba wakuriye mu ngorane
Naho Yosiya yari yarashikiwe n’ibintu bibi akiri umwana, yarashoboye gukora ivyari vyiza mu maso ya Yehova. Yararoraniwe ku ngoma yiwe ku buryo Bibiliya ivuga iti: “Imbere yiwe, nta mwami ameze nka we yagarutse kuri Yehova n’umutima wiwe wose n’ubuzima bwiwe bwose n’inguvu ziwe zose, nk’uko itegeko rya Musa ryose ryari; eka n’inyuma yiwe nta wabonetse ameze nka we.”—2 Abami 23:19-25.
Ese ukuntu ako karorero ka Yosiya karemesha abakuriye mu ngorane! Twokwigira iki ku karorero kiwe? Ni ibiki vyafashije Yosiya guhitamwo inzira ibereye no kuyigumamwo?
9-15 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAMI 24-25
“Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa”
w01 1/3 3 ing. 2
Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!
2 Nta gukeka ko ugushikiriza ubuhanuzi kwa Zefaniya kwatumye umusore Yosiya arushiriza kwibonera ko vyari bikenewe yuko ugusenga guhumanye gukurwa mu Buyuda. Ariko rero, ibikorwa uwo mwami yakoze mu gukura mu gihugu idini y’ikinyoma ntivyakuye ububisha bwose mu bantu canke ngo bihongere ivyaha vya sekuru, Umwami Manase, uwari “y[ar]ujuje i Yerusalemu amaraso y’aberanda.” (2 Abami 24:3, 4; 2 Ngoma 34:3) Ni co gituma rero, umusi w’urubanza wa Yehova wari kuza ata kabuza.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yeremiya
Turi mu mwaka wa 607 B.G.C. Ni mu mwaka ugira 11 Umwami Zedekiya ari ku ngoma. Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni amaze amezi arenga 18 yugarije Yeruzalemu. Ku musi ugira indwi w’ukwezi kwa gatanu mu mwaka ugira 19 Nebukadinezari ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi ‘arashika’ i Yeruzalemu (2 Abami 25:8). Kumbure ari ahantu akambitse inyuma y’uruzitiro rw’ico gisagara, Nebuzaradani arihweza ukuntu ibintu vyifashe maze agategura ingene azogitera. Haciye imisi itatu, ni ukuvuga ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi kwa gatanu, ‘arinjira’ i Yeruzalemu maze akahaturira.—Yeremiya 52:12, 13.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Kabiri
24:3, 4. Kubera amaraso Manase yasheshe, Yehova ‘ntiyemeye guharira’ Ubuyuda. Imana iraha agaciro amaraso y’abantu ata co bazira. Turashobora kwizigira ko Yehova azohora amaraso y’abantu ata co bazira mu gukuraho abantu bose basesa amaraso.—Zaburi 37:9-11; 145:20.
16-22 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 NGOMA 1-3
“Ibivugwa muri Bibiliya vyarabaye, si ibitito”
Adamu na Eva boba ari abantu babayeho koko?
Rimbura nk’akarorero za ntonde zivuga ibijanye na ba sekuruza b’Abayuda, dusanga mu gitabu ca Bibiliya ca 1 Ngoma ikigabane ca 1 gushika ku ca 9, be no mu Njili ya Luka ikigabane ca 3. Muri izo nkuru zivuga bimwe biboneka ido n’ido ry’ibijanye n’amamuko y’abantu, muri 1 Ngoma dusangamwo amayaruka 48, muri Luka tugasangamwo amayaruka 75. Luka arerekana amamuko ya Yezu Kristu, mu Ngoma na ho hakavuga ivyerekeye imiryango abami hamwe n’abaherezi bakomokamwo mw’ihanga rya Isirayeli. Izo ntonde zose zirimwo amazina y’abantu bazwi cane nka Salomo, Dawidi, Yakobo, Izahaki, Aburahamu, Nowa, maze mu nyuma zigashika no kuri Adamu. Amazina yose ari muri izo ntonde zibiri yerekeza ku bantu babayeho koko, Adamu na we akaba ari we yabaye we muntu yatanguye kubaho koko avugwa muri rumwerumwe muri izo ntonde.
Ivyerekeye Nowa be na rya Segenya ni ibintu vyabaye, si umugani
Inkuru zibiri zo muri Bibiliya zivuga ibijanye n’ukuntu imiryango abantu bakomotseko yagiye irakurikirana, ziremeza yuko Nowa yabayeho vy’ukuri. (1 Ngoma 1:4; Luka 3:36) Ezira na Luka bompi, bano bakaba ari bo batororokanije izo nkuru, bari abantu bagira ubushakashatsi bavyitondeye. Luka avuga ko Yezu Kristu yaturutse mu miryango y’abakomotse kuri Nowa.
Adamu na Eva boba ari abantu babayeho koko?
Rimbura nk’akarorero inyigisho yo muri Bibiliya abantu bo mu madini nka bose babona ko ihambaye, iyo na yo ikaba yerekeye incungu. Nk’uko iyo nyigisho ivyerekana, Yezu Kristu yaratanze ubuzima bwiwe bw’umuntu atunganye ngo bube incungu yo gukiza abantu ibicumuro vyabo. (Matayo 20:28; Yohani 3:16) Nk’uko tubizi, incungu ni indishi ifise agaciro gakwiranye n’ak’ikintu catakaye canke cazimiye itangwa kugira ngo igicungure canke ikirihe. Ni co gituma Bibiliya avuga ko Yezu ari “incungu ikwiranye.” (1 Timoteyo 2:6) Ariko rero, twobaza duti: ‘Ikwiranye ni iki?’ Bibiliya yishura iti: “Nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima.” (1 Abakorinto 15:22) Ubuzima butunganye Yezu yatanze kugira ngo acungure abantu bagamburuka bukwiranye n’ubuzima butunganye Adamu yatakaje bivuye kuri ca gicumuro ca mbere co muri Edeni. (Abaroma 5:12) Biratomoye ko iyo Adamu yari kuba atabayeho, inkuka y’incungu ya Kristu yobaye ata co ivuze namba.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 977 ing. 2-3
Amamuko
Amazina y’abagore. Rimwe na rimwe abagore barashirwa mu rutonde rw’amamuko igihe haba hari imvo idasanzwe ibitumye. Mw’Itanguriro 11:29, 30, haravugwamwo Sarayi (Sara), bikaba biboneka ko ari kubera Uruvyaro rwasezeranywe rwobonetse biciye kuri we, atari ku wundi mugore wa Aburahamu. Milika aravugwa muri ico canditswe nyene kumbure kubera ko yari inakuru wa Rebeka, umugore wa Izahaki, ivyo bigaca vyerekana ko Rebeka yakomoka mu ncuti za Aburahamu, kubera ko Izahaki yabwirizwa kudakura umugore mu yandi mahanga. (It 22:20-23; 24:2-4) Mw’Itanguriro 25:1, haravugwa Ketura, uwundi mugore Aburahamu yazanye. Ivyo vyerekana ko Aburahamu yasubiye kwubaka Sara amaze gupfa kandi ko yari agifise ubushobozi bwo kurondoka naho hari haheze imyaka irenga 40 Yehova atumye yibaruka ku gitangaro. (Rm 4:19; It 24:67; 25:20) Birerekana kandi ubucuti bwari hagati y’Abisirayeli n’Abamidiyani hamwe n’ayandi mahanga y’Abarabu.
Leya, Rasheli, incoreke za Yakobo hamwe n’abana bavyaye, bose baravugwa amazina. (It 35:21-26) Ivyo biradufasha gutahura ivyo Imana yahavuye igiranira n’abo bana. Imvo zisa n’izo nyene ni zo zituma dusanga ayandi mazina y’abagore mu rukurikirane rw’amamuko. Igihe intoranwa yaba izigamwe biciye kuri bo, amazina yabo yaca ashirwamwo. (Gh 26:33) Ariko rero, Tamari, Rahabu na Rusi bagiyemwo kubera imvo idasanzwe. Umwumwe wese uravye ukuntu yagiye mu rutonde rw’abo Mesiya, ari we Yezu Kristu yakomotseko, urabona ko hari ikintu kidasanzwe cabaye. (It 38; Rs 1:3-5; 4:13-15; Mt 1:1-5) Bumwe mu burorero bw’abagore bavugwa mu rukurikirane rw’amamuko tubusanga muri 1 Ngoma 2:35, 48, 49; 3:1-3, 5.
23-29 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 NGOMA 4-6
“Amasengesho yanje ahishura iki ku binyerekeye?”
‘Irumva amasengesho’
Yabezi yari umuntu akunda gusenga. Yatanguye isengesho ryiwe mu gutakambira Imana ayisaba umuhezagiro. Yaciye ayisaba ibintu bitatu vyerekana ko yari afise umutima wuzuye ukwizera.
Ubwa mbere, Yabezi yatakambiye Imana ngo ‘yagure akarere kiwe.’ (Umurongo wa 10) Uwo mugabo yubahwa ntiyari umuntu arondera kwigarurira amatongo, yipfuza ivya mugenziwe. Ico kintu yasavye ashimitse gishobora kuba cari kijanye ahanini n’abantu aho kuba kijanye n’amatongo. Ashobora kuba yariko asaba ko akarere kiwe kokwagurwa mu mahoro kugira ngo gashobore kubamwo abasenga Imana y’ukuri biyongereye.
Ubwa kabiri, Yabezi yatakambiye Imana asaba ko “ukuboko” kwayo kwoba kumwe na we. Ukwo kuboko kw’Imana kugereranya ububasha bwayo ikoresha mu gufasha abayisenga. (1 Ngoma 29:12) Kugira ngo Yabezi aronke ivyo umutima wiwe wasaba, yahanga amaso iyo Mana ifise ukuboko atari kugufi ku bijanye n’abayizera.—Yesaya 59:1.
Ubwa gatatu, Yabezi yasenze ati: ‘Undinde ivyago, kugira ngo ntibingirire nabi.’ Iyo mvugo ngo “ntibingirire nabi” ishobora kwerekana ko Yabezi atasavye ko ivyago bitomushikira, ahubwo ko yasavye ngo ntatuntuzwe canke ngo arengerwe n’ingaruka z’ikibi.
Isengesho rya Yabezi ryarerekanye ko yari arajwe ishinga n’ugusenga kw’ukuri be n’uko yizera akongera akizigira Umwe yumva amasengesho. None Yehova yakoze iki? Iyo nkuru ngufi isozerwa n’amajambo agira ati: “Nuko Imana ishitsa ivyo yari yasavye.”
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ngoma za Mbere
5:10, 18-22. Mu misi y’Umwami Sauli, ya miryango yari mu Buseruko bwa Yorodani yaranesheje Abahaguri naho abo Bahaguri baruta iyo miryango incuro zirenga zibiri. Ivyo vyashobotse kubera ko abarwanyi b’intwari b’iyo miryango bizigiye Yehova kandi bakarondera gufashwa na we. Nimuze twame twizigira Yehova duherezako uko tubandanya ya ntambara yacu yo mu buryo bw’impwemu turwana n’abansi bateye ubwoba rwose.—Abanyefeso 6:10-17.
30 NZERO–5 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 NGOMA 7-9
“Urashobora kurangura ibikorwa bigoye ubifashijwe na Yehova”
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ngoma za Mbere
9:26, 27. Abalewi bari bajejwe kurinda irembo bari bafise ibanga rikomeye. Bari barahawe urupfunguruzo rwugurura imiryango ija mu bibanza vyeranda vy’urusengero. Barabaye abizigirwa mu kwugurura amarembo ku musi ku musi. Twarashinzwe ibanga ryo gushikira abantu bo mu cibare twakebewe no kubafasha ngo baze gusenga Yehova. Ntidukwiye none natwe kuba abizigirwa nk’ukwo kw’abo Balewi barinda amarembo?
Woba ushobora kwigana Finehasi igihe ushikiwe n’ibintu bitoroshe?
Finehasi yari ajejwe ibanga riremereye muri Isirayeli ya kera; yamara abigiranye umutima rugabo, ugutahura kwimbitse hamwe n’ukwiheka ku Mana, yarashoboye kuvyifatamwo neza mu bintu bitoroshe. Vyongeye, kuba Finehasi yaritwararika ishengero ry’Imana abigiranye umwete, vyatumye ashimwa na Yehova. Haciye nk’imyaka 1.000, Ezira yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Finehasi mwene Eleyazari, kera ni we yari indongozi yabo. Yehova yari kumwe na we.” (1 Ngo. 9:20) Ese vyomera gutyo ku bijanye n’abo bose baja imbere abandi mu basavyi b’Imana muri iki gihe, egome ku bijanye n’abakirisu bose bayikorera badahemuka.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ririmbira Yehova!
6 Ego cane, Yehova abicishije ku bahanuzi biwe yarategetse yuko abasavyi biwe boza baramushemeza bakoresheje indirimbo. Abaririmvyi bo mu muryango w’Abaherezi bari barakuweko mbere ibikorwa abandi Balewi basabwa gukora kugira ngo bashobore kumara umwanya uhagije batunganya indirimbo, bikaba kandi bishoboka rwose ko bawumara bariko barazisubiramwo.—1 Ngo. 9:33.
6-12 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 NGOMA 10-12
“Nukomeze icipfuzo ufise co gukora ivyo Imana igomba”
“Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
12 Kuba Dawidi yaratahura ingingo ngenderwako zari mw’Itegeko no kuba yaripfuza kubaho azisunga na vyo nyene birabereye ko tuvyigana. Rimbura ivyabaye igihe Dawidi yaserura icipfuzo gikomeye yari afise co “[ku]nywa ku mazi yo mw’itangi ry’i Betelehemu.” Batatu mu bantu biwe barinjiye ku nguvu muri ico gisagara, ico gihe kikaba cari cigaruriwe n’Abafilisitiya, maze barazana ayo mazi. Ariko rero, “Dawidi ntiyeme[ye] kuyanywa, mugabo ayasuka imbere ya Yehova.” Kubera iki? Yasiguye ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, ku bijanye n’Imana yanje, gukora ico kintu! Mbega nonywa amaraso y’aba bagabo bemeye gushira ubuzima bwabo mu kaga? Kuko bayazanye barinze gushira ubuzima bwabo mu kaga.”—1 Ngo. 11:15-19.
13 Dawidi yari azi biciye kw’Itegeko yuko amaraso akwiye gusukwa imbere ya Yehova aho kuribwa. Yaratahura kandi igituma ivyo vyari bikwiye kumera gutyo. Dawidi yari azi ko “ubuzima bw’umubiri buri mu maraso.” Ariko rero, ayo yari amazi ntiyari amaraso. Kubera iki none Dawidi yanse kuyanywa? Yaratahura ingingo ngenderwako yari muri ico kintu casabwa n’amategeko. Yabona ko ayo mazi yanganya agaciro n’amaraso y’abo bagabo batatu. Ku bw’ivyo, vyari ibitokwiyumvirwa kuri we kunywa ayo mazi. Aho kuyanywa, yabonye ko akwiye kuyasesa ku butaka.—Lew. 17:11; Gus. 12:23, 24.
Nureke amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana bimenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima
5 Kugira twungukire ku mategeko y’Imana, ntidukwiye gusa kuyasoma canke kuyamenya. Dutegerezwa kwiga kuyakunda no kuyubahiriza. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Nimwanke ikibi, mukunde iciza.” (Am. 5:15) None ivyo neza na neza tubigira gute? Ikintu nyamukuru kibidufashamwo ni ukubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Tubitangire akarorero: Dufate ko bikugora gutora agatiro. Urituye muganga, maze arakubwiye ivyogufasha harimwo ibifungurwa, ukwinonora imitsi n’ibindi wokora. Umaze gukora ivyo yakubwiye, usanze bikugiriye akamaro. Nta gukeka ko wokengurukira cane uwo muganga kubera yagufashije.
6 Muri ubwo buryo nyene, Umuremyi wacu yaraduhaye amategeko adukingira ingaruka z’igicumuro, maze tukagira ubuzima bwiza. Ibaze nawe ukuntu twungukira ku gukurikiza amategeko yo muri Bibiliya ajanye no kwirinda ububeshi, uruyeri, ubusuma, ubuhumbu, ububisha n’ubupfumu. (Soma Imigani 6:16-19; Ivyah. 21:8) Iyo twiboneye ivyiza biva ku gukora ibintu nk’uko Yehova abishaka, bica bituma turushiriza kumukunda be n’amategeko yiwe.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 492 ing. 2-3
Umutima
Gukorera Imana n’“umutima ukwiye.” Kugira umutima ukore neza, utegerezwa kuba ukwiye; ariko umutima w’ikigereranyo wowo urashobora kwigabura. Dawidi yasenze ati: “Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe,” bikaba vyerekana ko umuntu ashobora gukunda Imana canke kuyitinya mugabo atabigiranye umutima wiwe wose. (Zb 86:11) Umuntu nk’uwo aba afise “umutima wigabuye,” ni ukuvuga ari akazuyazi mu bijanye no gukorera Imana. (Zb 119:113; Ivy 3:16) Umuntu kandi arashobora kugira “imitima ibiri” (ijambo ku rindi, afise umutima be n’umutima), akagerageza gukorera ba shebuja babiri, canke akavugana uruhendo ikintu kandi ariko yiyumvira igitandukanye na co. (1Ng 12:33; Zb 12:2) Yezu yariyamirije yivuye inyuma uburyarya bwo kugira imitima ibiri.—Mt 15:7, 8.
Uwurondera guhimbara Imana abwirizwa kwirinda kugira umutima wigabuye canke imitima ibiri, ahubwo akayikorera n’umutima ukwiye. (1Ng 28:9) Ivyo bisaba akigoro gakomeye narirya umutima wacu ari mubi kandi ukaba uhengamiye ku gukora ikibi. (Yr 17:9, 10; It 8:21) Ivyodufasha kugumana umutima ukwiye ni: isengesho rivuye ku mutima (Zb 119:145; Int 3:41), kwiyigisha Ijambo ry’Imana tudahorereza (Ezr 7:10; Img 15:28), kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza (gereranya na Yr 20:9), no kwifatanya n’abandi bafise umutima ukwiye kuri Yehova.—Gereranya na 2Bm 10:15, 16.
13-19 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 NGOMA 13-16
“Dukurikije ubuyobozi turaroranirwa”
Woba ubaza uti: ‘Yehova ari hehe?’
12 Isandugu y’isezerano imaze kugarukanwa muri Isirayeli, hagaca n’imyaka myinshi ibitswe i Kireyati-yeyarimu, umwami Dawidi yaripfuje kuyimurira i Yeruzalemu. Yaragishije inama abakuru b’imiryango ababwira yuko iyo Sandugu yoyimuye ‘nimba bumva babishimye, kandi nimba bivuye kuri Yehova’. Mugabo yarafashe minenegwe ivyo kurondera bimwe bihagije kugira yiyemeze neza ico Yehova ashaka ko gikorwa mu bijanye n’ico kibazo. Iyo abigira, Isandugu ntiyari gutwarwa ku mukogote. Yari gutwarwa n’Abalewi bo mu ba Kohati ku bitugu, nk’uko Imana yari yarabitegetse mu buryo butomoye. Naho Dawidi yama yasiguje Yehova, ico gihe yarananiwe no kubigira mu buryo bubereye. Ingaruka yabaye iy’agahomerabunwa. Mu nyuma Dawidi yiyemereye icese ibi: ‘Yehova Imana yacu yaraduhwikiye, kuko tutayigenjeje nk’uko vyashinzwe.’—1 Ngoma 13:1-3; 15:11-13; Guharūra 4:4-6, 15; 7:1-9.
Woba ubaza uti: ‘Yehova ari hehe?’
13 Igihe amaherezo Abalewi batwara i Yeruzalemu Isandugu bayikuye mu nzu ya Obedi-edomu, hararirimbwe ururirimbo rwatunganijwe na Dawidi. Urwo ruririmbo rwarimwo icibutswa nkoramutima: “Murondere [Yehova] n’inkomezi ziwe; murondere mu nyonga hiwe ibihe bidashira. Mwibuke ibikorwa vyiwe bitangaje yakoze; ibitangaza vyiwe n’amateka yo mu kanwa kiwe.”—1 Ngoma 16:11, 12.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Nusenge Yehova wa Mwami w’ibihe bidahera
14 Dawidi yarazanye isandugu nyeranda y’isezerano i Yeruzalemu. Muri ico gihe cari giteye umunezero, Abalewi bararirimvye ururirimbo rwo gushemeza Yehova rwarimwo amajambo ahambaye yanditse mu 1 Ngoma 16:31, agira ati: “Nibivuge mu mahanga biti: ‘Yehova ubwiwe acitse umwami!’” Hari uwokwibaza ati: ‘None ko Yehova ari Umwami w’ibihe bidahera, vyagenze gute ngo acike Umwami muri ico gihe?’ Yehova acika Umwami igihe agaragaje ubutegetsi bwiwe canke ashizeho urwego kugira rumuserukire mu gihe kinaka kibure kugira rutunganye ibintu kanaka. Gutahura ukuntu Yehova acika Umwami birahambaye cane. Imbere y’uko Dawidi apfa, Yehova yamusezeraniye ko ingoma yiwe yokwamyeho igihe kitagira urugero, ati: “Nzohagurutsa . . . uruvyaro rwawe mu nyuma zawe, uruzova imbere muri wewe; kandi nzoshimangira koko ubwami bwiwe.” (2 Sam. 7:12, 13) Mw’iranguka rya nyuma ry’ivyo bintu, urwo “ruvyaro” rwa Dawidi rwabonetse haciye imyaka irenga 1.000. None ni nde yabaye urwo ruvyaro, kandi yocitse Umwami ryari?
20-26 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 NGOMA 17-19
“Nugumane umunezero naho hoba hari ivyo udashoboye gushikako”
Twibande ku vyiza vyo mw’ishirahamwe rya Yehova
DAWIDI wo muri Isirayeli ya kera ni umwe mu bantu b’akarorero bavugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Uwo mwungere, akongera akaba n’umucuraranzi, umuhanuzi be n’umwami, yarizigira Yehova Imana n’umutima wiwe wose. Ubucuti bugera kure Dawidi yari afitaniye na Yehova Imana bwatumye agira icipfuzo co kumwubakira ingoro. Iyo ngoro, canke urusengero, yobaye co kibanza nyamukuru gikorerwamwo ibijanye n’ugusenga kw’ukuri muri Isirayeli. Dawidi yari azi ko indinganizo zijanye n’ibikorerwa ku rusengero zozaniye abasavyi b’Imana umunezero n’imihezagiro. Ni co gituma yaririmvye ati: “Hahirwa umuntu [wewe Yehova] utoranya, ukamwiyegereza, kugira ngw abe mu nyubakwa zawe: tuzohāzwa n’ivyiza vyo mu ngoro yawe, vy’ahēra ho mu rusengero rwawe”.—Zaburi 65:4.
Nunezererwe uduteka ufise
11 Na twebwe nyene, iyo dukoranye umwete igikorwa ico ari co cose dushingwa mu murimo wa Yehova, biratuma turushiriza kugira umunezero. ‘Nufatirwe cane’ mu gikorwa co kwamamaza, wongere ukorane umwete ibikorwa vyo mw’ishengero. (Ivyak. 18:5; Heb. 10:24, 25) Nutegure neza amakoraniro kugira ngo utange inyishu ziremesha abandi. Nufatane uburemere ikiganiro ico ari co cose c’abanyeshure ushingwa mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Igihe hari igikorwa kanaka bagushinze mw’ishengero, niwame ucitwararika kandi ube umwizigirwa. Ntihagire igikorwa na kimwe usuzugura ngo ubone ko kugikora ari uguta umwanya. Niwihatire kugikora neza. (Imig. 22:29) Uko witwararikana umwete ibikorwa vy’impwemu n’amabanga ushingwa, ni ko uzonyaruka gutera imbere no kugira umunezero mwinshi. (Gal. 6:4) Bizokworohera no kunezeranwa n’abandi, nibaterwa agateka wari wipfuza.—Rom. 12:15; Gal. 5:26.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
w20.02 12, uruzitiro
Turakunda cane Umuvyeyi wacu Yehova
Yehova yoba anzi?
Vyoba birashika ukibaza uti: ‘Mu bantu amamiliyoni bari kw’isi, jewe ndi nde ngo Yehova amenye?’ Nimba vyarashitse, nturi wenyene. Umwami Dawidi yanditse ati: “Ewe Yehova, umuntu ni iki ngo umwitwararike, umwana w’umuntu buntu ngo umwiteho?” (Zab. 144:3) Dawidi yari yarajijutse ko Yehova amuzi neza. (1 Ngo. 17:16-18) Na wewe, Yehova abicishije kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, aragukura amazinda yuko abona urwo umukunda. Raba ibintu bimwebimwe bivugwa mw’Ijambo ry’Imana vyotuma ujijuka ko Yehova akuzi:
• Yehova yakubonye utaranavuka.—Zab. 139:16.
• Yehova arazi umutima wawe be n’ivyiyumviro vyawe.—1 Ngo. 28:9.
• Yehova ni we ubwiwe yumviriza amasengesho yose umutura.—Zab. 65:2.
• Ivyo ukora biranezereza Yehova canke bikamubabaza.—Imig. 27:11.
• Yehova ubwiwe ni we yagukwegereye kuri we.—Yoh. 6:44.
• Naho wopfa, Yehova arakuzi neza ku buryo azokuzura. Azoguha umubiri mushasha, ubwenge be n’ubushobozi bwo kwibuka nk’ivyo wahorana, tutibagiye n’ibindi bintu bikuranga wisangije.—Yoh. 11:21-26, 39-44; Ivyak. 24:15.
27 RUHUHUMA–5 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 NGOMA 20-22
“Nufashe abakiri bato kuroranirwa”
“Ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa”
8 Soma 1 Ngoma 22:5. Dawidi ashobora kuba yariyumviriye ko Salomo atoshoboye guhagarikira igikorwa gihambaye nk’ico. Nakare, Salomo ‘yari akiri muto kandi nta nkomezi yari bwagire,’ mugabo urusengero yokwubatse rukaba rwobaye “agatangaza bimwe bihebuje.” Naho ari ukwo, Dawidi yari azi ko Yehova yoshoboje Salomo kurangura ico gikorwa yamushinze. Ivyo vyatumye Dawidi yitwararika gusa ingene yomufasha, aramutegurira ibikoresho vyinshi cane.
“Ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa”
7 Dawidi ntiyaretse gushigikira Salomo, ngo ni uko atari we yokwitiriwe iyubakwa ry’urwo rusengero. Nkako, iyo nyubakwa yahavuye yitwa urusengero rwa Salomo, aho kwitwa urusengero rwa Dawidi. Naho Dawidi ashobora kuba yarababajwe n’uko atoshikije icipfuzo ciwe, yarashigikiye ico gikorwa yivuye inyuma. Yaratunganije abikunze imigwi y’abubatsi, aregeranya ivyuma, umujumpu, ifeza, inzahabu be n’ibiti vy’isederi. Ikigeretseko, yararemesheje Salomo ati: “None rero mwananje, Yehova abane nawe; uze uroranirwe, wubake inzu ya Yehova Imana yawe, nk’uko yavuze ku bikwerekeye.”—1 Ngo. 22:11, 14-16.
Bavyeyi, mwoba muriko murafasha abana gutera intambwe yo kubatizwa?
14 Kubera ko abakurambere ari abungere bo mu buryo bw’impwemu, barashobora gushigikira utwigoro tw’abavyeyi mu kuvuga neza ivyerekeye imigambi yo mu vy’impwemu. Mushiki wacu umwe yamaze imyaka irenga 70 ari umutsimvyi, aribuka ingene ikiyago yagiranye n’umuvukanyi Charles T. Russell camufashije igihe yari afise imyaka itandatu gusa. Yigana ati: “Yarafashe iminuta 15 aranganiriza ku bijanye n’imigambi yanje yo mu vy’impwemu.” Ego cane, amajambo meza be n’indemesho birashobora gufasha umuntu ubuzima bwiwe bwose. (Imig. 25:11) Abakurambere barashobora kandi kuremesha abavyeyi n’abana babo kugira uruhara mu bikorwa vyo ku Ngoro y’Ubwami, bagaha abakiri bato udukorwa duhuye n’imyaka bafise be n’ivyo bashoboye.
15 Abagize ishengero barashobora gufasha mu kwitwararika abakiri bato. Ivyo bisaba ko babona ibimenyetso vyerekana ko abo bakiri bato bariko baratera imbere mu vy’impwemu. Uwukiri muto yoba yatanze insasanuro ziteguwe neza kandi zivuye ku mutima, canke yoba yatanze ikiganiro mw’Ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu? Yoba aherutse kunanira ikigeragezo canke yoba atagisha akaryo ko gushinga intahe kw’ishure? Ntutebe kumukeza ubikuye ku mutima. Ikindi na co, ubona gute wishingiye umugambi wo kuganira n’uwukiri muto imbere y’ikoraniro canke inyuma yaryo, ukamwereka ko umwitwararika vy’ukuri? Muri ubwo buryo no mu bundi, abakiri bato barashobora kubona ko bari mu bagize “ishengero rinini.”—Zab. 35:18.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ngoma za Mbere
21:13-15. Yehova yategetse umumarayika guhagarika icago kubera ko ababazwa no kubona abasavyi biwe bariko baracumukura. Vy’ukuri, “imbabazi ziwe [ni] nyinshi cane.”