ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr23 Ntwarante rup. 1-12
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2023
  • Udutwe
  • 6-12 NTWARANTE
  • 13-19 NTWARANTE
  • 20-26 NTWARANTE
  • 27 NTWARANTE–2 NDAMUKIZA
  • 10-16 NDAMUKIZA
  • 17-23 NDAMUKIZA
  • 24-30 NDAMUKIZA
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2023
mwbr23 Ntwarante rup. 1-12

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

© 2022 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania

6-12 NTWARANTE

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 NGOMA 23-26

“Ivyo ku rusengero vyaratunganijwe neza”

it-2 133

Abalewi

Igikorwa c’Abalewi cari gitunganijwe neza cane ku ngoma ya Dawidi. Yaragenye abahagarikizi, abarongozi, abacamanza, abarinzi b’amarembo n’abanyabigega. Yaragenye n’abandi benshi bafasha abaherezi ku rusengero, mu bigo no mu vyumba vy’uburiro, bakitwararika ibijanye n’amashikanwa, ibimazi, igikorwa co gutyorora, ivyo gupima ibilo, ivyo gupima uburebure n’ibikorwa vy’izamu bitandukanye. Abalewi bajejwe kuririmba bari batunganijwe mu migwi 24, nk’uko vyari biri ku mice y’abaherezi, bakaza barakurakuranwa. Ibikorwa umwe wese yitwararika vyamenyekana biciye ku bupfindo. No ku vyerekeye imigwi y’abarinzi b’amarembo, barapfinda ubupfindo kugira bamenye irembo umwe wese ajako.​—1Ng 23, 25, 26; 2Ng 35:3-5, 10.

it-2 657

Umuherezi

Mu gikorwa c’urusengero, abaherezi bari bahagarikiwe n’abarongozi batandukanye. Ubupfindo bwarerekana aboshingwa ibikorwa bimwebimwe. Umuce umwumwe wose mu mice 24 y’abaherezi wamara indwi imwe ku gikorwa, ugakora kabiri mu mwaka. Biboneka ko mu biringo vy’imisi mikuru abaherezi bose bakora, nk’uko bakoze mu gihe co kwegurira Imana urusengero, kuko abantu batanga ibimazi ibihumbi. (1Ng 24:1-18, 31; 2Ng 5:11; gereranya na 2Ng 29:31-35; 30:23-25; 35:10-19.) Umuherezi yarashobora gukora no mu bindi bihe ariko akirinda gukora ibikorwa bigenewe abaherezi bo mu muce ushikiriwe. Nk’uko vyerekanwa mu migenzo y’abarabi, igihe Yezu yari kw’isi abaherezi bari benshi ku buryo ibikorwa vya buri ndwi vyagaburirwa imiryango itandukanye yaba igize umuce kanaka, buri muryango ugakora umusi umwe canke urenga bivanye n’igitigiri cabo.

it-2 358

Umuziki

Mu bijanye no gutegura ibikorwa vyo ku rusengero rwa Yehova, Dawidi yarashizeho Abalewi 4.000 ngo bitwararike ibijanye n’umuziki. (1Ng 23:4, 5) Muri abo, abashika 288 bari ‘baramenyerejwe mu vy’ukuririmbira Yehova, bose bakaba bari abahanga.’ (1Ng 25:7) Ibijanye n’umuziki vyari bihagarikiwe n’abahinga batatu mu vy’umuziki, ari bo Asafu, Hemani na Yedutuni (bikaba biboneka ko yitwa kandi Etani). Kubera ko umwe wese muri abo bagabo batatu yakomoka kuri umwe mu bahungu batatu ba Lewi, ari bo Gerishomu, Kohati na Merari, umwe wose mu miryango nyamukuru itatu y’Abalewi wari userukiwe muri iyo ntunganyo y’umuziki yo ku rusengero. (1Ng 6:16, 31-33, 39-44; 25:1-6) Abo bagabo batatu bari bafise abahungu 24, bose bakaba bari muri ba bahanga mu vy’umuziki 288. Umwe wese muri abo bahungu yari yaratowe n’ubupfindo kugira abe umukuru wa buri muce w’abaririmvyi. Mu bo umwe wese yatwara haba harimwo abandi “bahanga” 11, bakaba bacagurwa mu bahungu biwe no mu bandi Balewi. Gutyo rero, cokimwe n’abaherezi, abo Balewi 288 ([1 + 11] × 24 = 288) b’abahanga mu vy’umuziki bari bagabuwe mu migwi 24. Nimba abasigaye 3.712 bo mu ‘biga’ bari bagabuwe gutyo, muri umwe wose muri ya mice 24 haca hiyongerako abandi bagabo nka 155, bikaba bisigura ko umuhanga umwe wese yaba afise Abalewi nka 13 bageze ku ntambwe zitandukanye zo kwiga umuziki. Kubera ko abavuza inzumbete bari abaherezi, baca biyongera ku Balewi bitwararika ivy’umuziki.​—2Ng 5:12; gereranya na Gh 10:8.

it-2 620

Umurinzi w’irembo

Ku rusengero. Gatoyi imbere y’uko Umwami Dawidi apfa, yaratunganije neza Abalewi n’abandi bakora ku rusengero, muri bo hakaba harimwo abarinzi b’amarembo 4.000. Abagize umuce umwumwe wose baza gukora imisi indwi, bagakorera rimwe. Bari bajejwe gucunga inzu ya Yehova no kuraba ko imiryango yugururwa kandi ikugarwa ku gihe. (1Ng 9:23-27; 23:1-6) Uretse ico gikorwa co gucunga inzu ya Yehova, hari abitwararika n’intererano abantu bazana kugira zikoreshwe ku rusengero. (2Bm 12:9; 22:4) Mu nyuma, igihe umuherezi mukuru Yehoyada yarobanura uwukiri muto Yehowasi ngo abe umwami, abarinzi badasanzwe barashizwe ku marembo y’urusengero kugira bakingire Yehowasi, ngo Umwamikazi Ataliya, uwari yarihagiye ubutegetsi, ntamugirire nabi. (2Bm 11:4-8) Igihe Umwami Yosiya yakuraho ivyo gusenga ibigirwamana, abarinzi b’imiryango barafashije mu gukura mu rusengero ibikoresho vyakoreshwa mu gusenga Bayali. Vyaciye bituririrwa hanze y’igisagara.​—2Bm 23:4.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w22.03 22 ing. 10

Ugusenga kw’ukuri kuzokuronsa umunezero mwinshi

10 Kuririmbana n’abandi. (Zab. 28:7) Abisirayeli babona ko kuririmba wari umuce uhambaye w’ugusenga kwabo. Umwami Dawidi yaragenye Abalewi 288 ngo babe abaririmvyi bo ku rusengero. (1 Ngo. 25:1, 6-8) Muri iki gihe, turaserurira Imana urwo tuyikunda mu kuyiririmbira indirimbo zo kuyishemeza. Ukuntu ijwi ryacu rimeze si co gihambaye cane. Tubitangire akarorero: Naho “twese dutsitara kenshi” mu majambo tuvuga, ivyo ntibituma tureka kuvuga igihe turi mw’ishengero canke mu ndimiro. (Yak. 3:2) Muri ubwo buryo nyene, ntidukwiye kureka kuririmbira Yehova amashemezo naho twoba dufise ijwi ritameze neza.

13-19 NTWARANTE

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 NGOMA 27-29

“Impanuro iranga urukundo umuvyeyi aha umwana wiwe”

w05 15/2 19 ing. 9

Tuzigame akaranga kacu k’ubukirisu

9 Niwiyemeze neza yuko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri. Ukuntu tubona akaranga kacu ko kuba abasavyi ba Yehova kurashobora kugoyagoya mu gihe kudashingiye bimwe bikomeye ku bumenyi bw’Ivyanditswe (Ab’i Filipi 1:9, 10). Umukirisu wese, yaba umuto canke uwukuze, arakeneye kwiyemeza neza yuko ivyo yemera ari ukuri koko nk’uko tugusanga muri Bibiliya. Paulo yahimirije abo basangiye ukwizera ati: “Mugerageze vyose, mugumye ivyiza” (1 Ab’i Tesalonike 5:21). Abakirisu bakiri bato bo mu miryango itinya Imana bategerezwa kumenya yuko badashobora kwiheka gusa ku kwizera kw’abavyeyi babo. Se wa Salomo ari we Dawidi yamuhimirije “kumenya Imana ya s[e], [aka]yisaban[a] umutima utunganye” (1 Ngoma 28:9, ni twe dushimitse.). Ntivyobaye bihagije ku musore Salomo kwihweza ingene se wiwe yatsimbataje ukwizera Yehova. Yategerezwa kumenya Yehova ku gatwe kiwe, kandi ivyo yarabigize. Yatakambiye Imana ati: “Umpe ubwenge no gutahura, kugira ngo mmenye iyo biva n’iyo bija mur’aba bantu”.​—2 Ngoma 1:10.

w12 15/4 16 ing. 13

Nugume ufise umutima ukwiye kuri Yehova

13 Icigwa tuhakura kiratomoye. Nimba twama tugira uruhara mu bikorwa vyiza kandi vy’ingirakamaro nko kwitaba amakoraniro y’ishengero no kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, turakwiye gukezwa. Mugabo gukorera Yehova n’umutima ukwiye ntibigarukira aho. (2 Ngo. 25:1, 2, 27) Mu gihe umukirisu abandanije gukunda mu mutima wiwe “ibiri inyuma,” ni ukuvuga ibintu bimwebimwe vyo muri iyi si, aba ahakwa gutakaza ubucuti afitaniye n’Imana. (Luka 17:32) ‘Nitwazinukwa vy’ukuri ikibi maze tukumira ku ciza,’ ni ho gusa tuzoba “[tu]bereye ubwami bw’Imana.” (Rom. 12:9; Luka 9:62) Ku bw’ivyo, twese turakeneye kwiyemeza neza ko ata kintu na kimwe co mw’isi ya Shetani kitubuza kwitwararika ivyungura Ubwami n’umutima wacu wose, naho coshobora gusa n’igifise akamaro canke kigasa n’igihimbaye.​—2 Kor. 11:14; soma Abafilipi 3:13, 14.

w17.09 32 ing. 20-21

“Gira umutima rugabo . . . ukore”

20 Umwami Dawidi yaribukije Salomo ko Yehova yobanye na we gushika igikorwa co kwubaka urusengero kirangiye. (1 Ngo. 28:20) Salomo amaze kuzirikana kuri ayo majambo ya se, yararanguye ico gikorwa naho yari akiri muto kandi akaba atari bwamenye utuntu n’utundi. Yaragize umutima rugabo udasanzwe, arakora, Yehova na we aramufasha maze arangiza urwo rusengero rw’akaroruhore mu myaka indwi n’igice.

21 Nk’uko nyene Yehova yafashije Salomo, arashobora kudufasha kugira umutima rugabo no kurangura igikorwa yadushinze, haba mu muryango canke mw’ishengero. (Yes. 41:10, 13) Nitwagaragaza umutima rugabo mu bikorwa bijanye no gusenga Yehova, turizigira ko azoduhezagira, muri kino gihe no muri kazoza. Nimuze rero tugire ‘umutima rugabo, dukore.’

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w17.03 29 ing. 6-7

Nube umugenzi igihe ubugenzi bugeramiwe

Dawidi yari afise n’abandi bagenzi bamwumiyeko mu bihe bigoye. Umwe muri bo yari Hushayi, uwo Bibiliya yita “umugenzi wa Dawidi.” (2 Sam. 16:16; 1 Ngo. 27:33) Ashobora kuba yari umukozi wo ku kirimba yarya kamwe n’umwami kandi yamugendanira, rimwe na rimwe akaba yarashitsa amategeko umwami yatanga mw’ibanga.

Igihe Abusalomu mwene Dawidi yigarurira ingoma, Abisirayeli benshi baramushigikiye, ariko Hushayi yumira kuri Dawidi. Igihe Dawidi yariko arahunga, Hushayi yarajanye na we. Dawidi yarababajwe cane n’uko umuhungu wiwe bwite be n’abandi yari yizigiye bamuhemukiye. Hushayi wewe yagumye ari intahemuka, aremera gushira ubuzima bwiwe mu kaga kugira akore ikintu cokwishe umugambi mubi wari wateguwe. Hushayi ntiyabikoze ngo ni uko yari umukozi wo ku kirimba yategerezwa kugamburuka. Yabikoze kubera ko yari umugenzi adahemuka.​—2 Sam. 15:13-17, 32-37; 16:15–17:16.

20-26 NTWARANTE

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 1-4

“Umwami Salomo afata ingingo itaranga ubukerebutsi”

it-1 181 ing. 3

Ingabo

Ku ngoma ya Salomo, harabaye ibintu bishasha muri kahise k’ingabo za Isirayeli. Ingoma yiwe yarangwa n’amahoro, yamara yarirundanirije imikogote n’amafarasi. Menshi muri ayo mafarasi bayagurira mu Misiri. Babwirijwe kwubaka ibisagara mu karere kose kugira imice mishasha y’abasirikare ironke aho ija. (1Bm 4:26; 9:19; 10:26, 29; 2Ng 1:14-17) Ariko rero Yehova ntiyigeze ahezagira ico kintu Salomo yakoze. Ahubwo inyuma y’urupfu rwiwe n’inyuma y’aho ubwami buciriwemwo kubiri, ingabo za Isirayeli zaciye zigabanuka. Vyagenze nk’uko Yesaya yahavuye yandika, ati: “Baragowe abamanuka mu Misiri kurondera imfashanyo, abishimira amafarasi gusa, bagashira ivyizigiro vyabo mu mikogote y’intambara, kuko ari myinshi, no mu mafarasi y’imbangutsi, kuko ari ay’inkomezi nyinshi, mugabo batahanze amaso wa Mweranda wa Isirayeli kandi ntibarondere Yehova ubwiwe.”​—Yes 31:1.

it-1 430

Umukogote

Muri Isirayeli ntihigeze haboneka ingabo nyinshi zirwanira ku mikogote gushika mu gihe ca Salomo. Ivyo ahanini vyava ku kuba Imana yari yaragabishije ko umwami atokwirundaniriza amarafasi, nk’aho umutekano w’iryo hanga woba wava kuri yo. Ivyo vyatuma badakoresha imikogote myinshi kubera ko amafarasi ari yo yakoreshwa mu kuyikwega. (Gus 17:16) Igihe Samweli yabwira Abisirayeli umuzigo abami b’abantu bobashizeko, yababwiye ati: “Abahungu banyu azobatwara abashire mu mikogote yiwe ari abiwe.” (1Sm 8:11) Igihe Abusalomu na Adoniya bagomba kwigarurira ubutegetsi, umwe wese yarikoresheje umukogote, arironderera n’abagabo 50 biruka imbere yawo. (2Sm 15:1; 1Bm 1:5) Igihe Dawidi yatsinda umwami wa Zoba, yarisigarije amafarasi ijana y’imikogote.​—2Sm 8:3, 4; 10:18.

Mu ntumbero yo gukomeza ingabo za Isirayeli, Umwami Salomo yaragwije igitigiri c’imikogote gishika ku 1.400. (1Bm 10:26, 29; 2Ng 1:14, 17) Uretse i Yeruzalemu, hari ibindi bisagara vyitwa ibisagara vy’imikogote vyarimwo inyubakwa zidasanzwe zakoreshwa mu kwitwararika ivyo bikoresho vyose vy’intambara.​—1Bm 9:19, 22; 2Ng 8:6, 9; 9:25.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 1/12 19 ing. 6

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ngoma za Kabiri

1:11, 12. Ivyo Salomo yasavye vyareretse Yehova yuko ibintu Salomo yari ashizeko umutima kwari ukuronka ubwenge n’ugutahura. Vy’ukuri, amasengesho dutura Imana arahishura ivyo dushirako umutima. Birabereye rero ko dusuzuma ivyo dushira mu masengesho dutura.

27 NTWARANTE–2 NDAMUKIZA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 5-7

‘Umutima wanje uzokwama ari ho uri’

w02 15/11 5 ing. 1

Ntiduhebe gukoranira hamwe

Mu nyuma, igihe Dawidi yari umwami i Yeruzalemu, yaraseruye icipfuzo gikomeye yari afise co kwubaka inzu yokwamye ininaharizwamwo Yehova. Ariko rero, kubera ko Dawidi yari yahoze ari umuntu arwana intambara, Yehova yamubwiye ati: “Ntuzokwubakira ingoro izina ryanje.” Mu gishingo ciwe, yahisemwo Salomo umuhungu wa Dawidi kugira ngo yubake urwo rusengero. (1 Ngoma 22:6-10) Salomo yinjiye urwo rusengero mu 1026 B.G.C., inyuma y’ikiringo c’imyaka indwi n’igice cari kihaciye rwubakwa. Yehova yarashimye iyo nyubakwa, mu kuvuga ati: “Nejeje iyi ngoro wubakiye izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose; nzoyihozakw amaso n’umutima na ntaryo.” (1 Abami 9:3) Igihe cose Abisirayeli bogumye ari abizerwa, Yehova yogumye araba ryiza iyo ngoro. Ariko rero, baramutse bakebeje bakareka gukora ibigororotse, Yehova ntiyogumye araba ryiza ico kibanza, kandi ‘iyo ngoro yocitse ibirundo vy’amasakamburira.’​—1 Abami 9:4-9, NW; 2 Ngoma 7:16, 19, 20.

it-2 1048

Urusengero

Kahise. Urwo rusengero rwari rukiriho gushika mu 607 imbere ya Kristu, igihe rwasangangurwa n’ingabo z’Abanyababiloni ziyobowe n’Umwami Nebukadinezari. (2Bm 25:9; 2Ng 36:19; Yr 52:13) Kubera ko Isirayeli yisutse mu gusenga kw’ikinyoma, Imana yararetse amahanga aratoteza Yuda na Yeruzalemu, rimwe na rimwe agasahura amatunga y’urusengero. Vyaza birashika kandi urusengero rukamara igihe ata wurwitaho. Umwami Shishaki wa Misiri yarivye amatunga yarwo (mu 993 imbere ya Kristu) mu gihe ca Rehobowamu umuhungu wa Salomo, haheze nk’imyaka 33 gusa rweguriwe Imana. (1Bm 14:25, 26; 2Ng 12:9) Umwami Asa (977-937 imbere ya Kristu) yaraha agaciro urusengero rwa Yehova, ariko kugira ngo akingire Yeruzalemu, n’ubujuju n’akantu, yarahereye Umwami Beni-hadadi wa mbere wa Siriya ifeza n’inzahabu akuye mu matunga y’urusengero kugira ngo arenge kw’isezerano yari yaragiraniye na Bayasha umwami wa Isirayeli.​—1Bm 15:18, 19; 2Ng 15:17, 18; 16:2, 3.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w10 1/12 11 ing. 7

Irazi “umutima w’abana b’abantu”

Turashobora guhumurizwa n’iryo sengesho Salomo yatuye. Abantu nkatwe boshobora kudatahura neza ukuntu twiyumva mu mutima, ni ukuvuga ‘icago cacu’ be n’‘umubabaro wacu.’ (Imigani 14:10) Ariko Yehova we arazi umutima wacu kandi aratwitwararika cane. Gusuka imbere yiwe ibiri mu mutima tubicishije mw’isengesho birashobora gutuma imizigo yacu yoroha kwikorera. Bibiliya ivuga iti: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”​—1 Petero 5:7.

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

w93 1/2 31

Ibibazo vy’abasomyi

Bishitse umukirisu akaba arwaye canke ari ku rugendo maze ntashobore kwitaba Icibutso, yoba akwiye kugihimbaza haciye ukwezi?

Muri Isirayeli ya kera, Pasika yahimbazwa buri mwaka ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere, ukwitwa Nisani (canke Abibu). Ariko hari intunganyo idasanzwe tubona mu Guharūra 9:10, 11 igira iti: “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Naho umuntu uwo ari we wese wo muri mwebwe canke wo mu mayaruka yanyu yoba ahumanye bivuye ku muntu apfuye canke akaba ari ku rugendo rwa kure, na we nyene aze ategurire Yehova ikimazi ca pasika. Baze bagitegure mu kwezi kugira kabiri [kwitwa Iyari canke Zivu], ku musi ugira cumi na kane hagati ya ya migoroba ibiri. Baze bakirye kiri kumwe n’udutsima tutarimwo umwambiro be n’imboga zirura.’”

Urabona ko hatavuga amatariki abiri Umwisirayeli canke umuryango yokwihitiramwo guhimbarizako Pasika bivanye n’uko ibintu vyifashe (14 Nisani canke 14 Zivu). Ivyo guhimbaza Pasika mu kwezi kwa kabiri vyaba gake. Vyashika gusa igihe Umwisirayeli yaba ahumanye ku wa 14 Nisani canke akaba ari kure cane y’aho Pasika yahimbarizwa.

Igihe gusa bivugwa ko ihanga ryose ryungukiye kuri iyo ntunganyo ni igihe wa mwami w’umwizigirwa Hezekiya yasubizaho ivyo guhimbaza Umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro. Kubera ko batari baronse umwanya wo kwitegura mu kwezi kwa mbere (abaherezi ntibari biteguye eka n’abantu ntibari bakoranye), baciye bahimbaza Pasika ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa kabiri.​—2 Ngoma 29:17; 30:1-5.

Atari mu bihe mwene ivyo bidasanzwe, Abayuda bagumiza Pasika kw’itariki Imana yashinze. (Kuvayo 12:17-20, 41, 42; Abalewi 23:5) Yezu n’abigishwa biwe barayihimbaza nk’uko Itegeko ryabisaba; ntibafata minenerwe iyo tariki. Luka yanditse ati: “Nuko umusi w’imikate itarimwo umwambiro urashika, uwo imbagwa ya pasika yategerezwa gutangirwako ikimazi; hanyuma [Yezu] atuma Petero na Yohani ati: ‘Gende mudutegurire pasika turye.’”​—Luka 22:7, 8.

Ico gihe ni ho Yezu yatanguza ihimbazwa rya buri mwaka abakirisu bita Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Abakirisu babona ko kwitaba urwo rubanza bihambaye cane. Ni rwo rubanza ruhambaye kuruta izindi zose Ivyabona vya Yehova bagira mu mwaka. Amajambo Yezu yavuze arerekana igituma; yavuze ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (Luka 22:19) Ku bw’ivyo, Icabona ca Yehova wese akwiye gutegekanya ibintu neza hagisigaye amezi atari make kugira ntihagire iyindi programa n’imwe ihurirana n’iyo tariki. Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zizohimbazwa ku wa kabiri, itariki 6 Ndamukiza 1993 izuba rirenze mu karere iwanyu.

Mu bihe vy’imbonekarimwe, harashobora gushika ibintu bitari vyitezwe, umukirisu akarwara canke akagira ingorane ari ku rugendo, bigatuma atitaba urwo rubanza nk’uko yabitegekanije. None yokora iki mu bihe nk’ivyo?

Muri urwo rubanza, baratembereza umukate utarimwo umwambiro n’umuvinyu utukura, kandi abarobanujwe impwemu nyeranda bazoja kuba mw’ijuru, barihereza kuri ivyo bimenyetso. (Matayo 26:26-29; Luka 22:28-30) Bishitse uwahora yihereza ku bimenyetso buri mwaka akaba ari ku musego muhira canke mu bitaro, abakurambere bo mw’ishengero arimwo botunganya ko umwe muri bo amushirako umukate n’umuvinyu, akaganira na we ivyanditswe bijanye n’urwo rubanza, agaca amuhereza ivyo bimenyetso. Igihe umukirisu yarobanuwe yoba atari hafi y’ishengero asanzwe arimwo, akwiye kwitaba urwo rubanza mw’ishengero ryo mu karere azoba arimwo kuri iyo tariki.

Twisunze ivyo vyose, ni imbonekarimwe cane aho vyoba ngombwa ko umukirisu yarobanuwe ahimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba haciye imisi 30 (haheze ukwezi guharurirwa ku mboneko), nk’uko biri mw’itegeko riri mu Guharūra 9:10, 11 no mu karorero kavugwa mu 2 Ngoma 30:1-3, 15.

Abo mu “zindi ntama” za Yezu, abafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo, ntibasabwa kwihereza ku mukate n’umuvinyu. (Yohani 10:16) Birahambaye ko bitaba urwo rubanza ruba buri mwaka, ariko ntibihereza ku bimenyetso. Rero bishitse umwe muri bo akaba arwaye canke ari ku rugendo ku buryo bidakunda ko yifatanya n’ishengero na rimwe kuri uwo mugoroba, yokwisomera ivyanditswe bibereye (harimwo inkuru y’ingene Yezu yatanguje urwo rubanza) maze agasenga asaba ko Yehova yohezagira urwo rubanza kw’isi yose. Ariko muri ico gihe, ntibikenewe ko hategurwa urwo rubanza canke ikiyago kidasanzwe gishingiye kuri Bibiliya haheze ukwezi.

10-16 NDAMUKIZA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 8-9

“Yaraha agaciro ubukerebutsi”

w99 1/11 20 ing. 4

Igihe hari ugutanga kwa cane

Ariko ntiwumve, umwamikazi wa Sheba na we nyene yarahevye umwanya aragira n’akigoro kugira aje kwa Salomo. Biboneka ko Sheba yari mu karere k’ubu ko muri Republika ya Yemen; rero uwo mwamikazi n’ingamiya zari kumwe na we bagize urugendo rw’ibilometero 1.600 gushika i Yeruzalemu. Nk’uko Yezu yabivuze, “yaje ava ku mpera z’isi.” Kubera iki uwo mwamikazi wa Sheba yagize urwo rugendo rwose? Ahanini yari aje ‘kwumviriza ubukerebutsi bwa Salomo.’​—Luka 11:31.

w99 1/7 30 ing. 4-5

Urugendo rwabaye ngirakamaro

Uko vyoba vyari biri kwose, uwo mwamikazi yashitse i Yeruzalemu “ari kumwe n’umurongo w’akumiza rwose umuherekeje, n’ingamiya zitwaye amavuta y’umusomozo n’inzahabu nyinshi cane n’amabuye y’agaciro.” (1 Abami 10:2a) Hari abavuga ko muri uwo “murongo w’akumiza” harimwo abasoda bamugendanira. Ivyo vyoba vyumvikana narirya uwo mwamikazi yari n’iteka ridasanzwe kandi akaba yari ajanye ibintu biciye amamiliyoni mirongo y’amadolari.

Ariko urabona ko uwo mwamikazi yumvise ukuba rurangiranwa kwa Salomo “ku bijanye n’izina rya Yehova.” Rero urwo ntirwari urugendo rw’ivy’akazi gusa. Biragaragara ko uwo mwamikazi ahanini yari azanywe no kwumviriza ubukerebutsi bwa Salomo, kumbure mbere no kwiga ivyerekeye Imana yiwe Yehova. Kubera ko ashobora kuba yakomoka kuri Shemu canke Hamu, abasenga Yehova, ashobora kuba yashaka kumenya ivyo ba sekuru biwe bemera.

w99 1/7 30-31

Urugendo rwabaye ngirakamaro

Umwamikazi wa Sheba yaratangajwe cane n’ubukerebutsi bwa Salomo be n’ubutunzi bw’ubwami bwiwe gushika aho ‘hadasubira kuba impemu muri we.’ (1 Abami 10:4, 5, akajambo k’epfo) Hari abatahura ko ayo majambo asobanura ko uwo mwamikazi ‘atasubiye guhema.’ Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga mbere ko yaravye! Uko vyagenze kwose, uwo mwamikazi yarumijwe n’ivyo yabonye n’ivyo yumvise. Yavuze ko abasuku ba Salomo bari bahiriwe kubera bumviriza ubukerebutsi bw’uwo mwami, yongera arahezagira Yehova kubera yimitse Salomo ngo abe umwami. Yaciye rero aha umwami ingabirano zizimvye cane, inzahabu zonyene tuzishize mu gaciro k’amahera y’iki gihe zikaba zangana n’amadolari 40.000.000 (nk’amarundi 79.920.000.000). Salomo na we nyene yaratanze ingabirano, akaba yahaye uwo mwamikazi “ivyamuhimbara vyose yasavye.”​—1 Abami 10:6-13.

it-2 873

Salomo

Aho kandi uwo mwamikazi aboneye ubwiza bw’urusengero n’ubw’inzu ya Salomo, ibifungurwa vyo ku meza yiwe, ukuntu bamusereva ibinyobwa, inyambaro z’abamusereva hamwe n’ibimazi biturirwa yama ashikana ku rusengero, “aca arajorerwa” ku buryo avuga atangaye ati: “Nsanze ata n’ica kabiri bambwiye. Mu bukerebutsi no mu gutunganirwa wararenganye ibintu numvise.” Yaciye avuga ko abasuku bakorera uwo mwami bahiriwe. Ivyo vyose vyatumye ashemeza Yehova, arahezagira Yehova Imana, we yerekanye ko akunda Isirayeli mu kugena Salomo ngo abe umwami kugira ashitse ingingo y’ubutungane be n’ubugororotsi.​—1Bm 10:4-9; 2Ng 9:3-8.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 1110

Intebe y’ubwami

Intebe y’ubwami yonyene y’umwami wa Isirayeli idondorwa neza ni iyakozwe na Salomo. (1Bm 10:18-20; 2Ng 9:17-19) Biboneka ko yari mw’“Ibaraza ry’Intebe y’ubwami,” imwe mu nyubakwa zari ku Musozi Moriya i Yeruzalemu. (1Bm 7:7) Yari ‘intebe y’ubwami y’amasenge ihambaye ihometseko inzahabu itavanze, ifise inyuma akarenzo kihese, ikagira n’aho gushira amaboko.’ Naho amasenge ashobora kuba ari yo ahanini yari agize iyo ntebe y’ubwami, uravye ubuhinga bwo kwubaka bwakoreshejwe aho ku rusengero, birashoboka ko yari ikozwe mu mbaho, ikuyengejweko inzahabu itavanze, isharijwe n’amasenge menshi bahometseko. Umuntu ariko araraba iyo ntebe y’ubwami, wamenga ikozwe mu masenge n’inzahabu gusa. Iyo nkuru imaze kuvuga ingazi zitandatu zishikana kuri nya ntebe y’ubwami, ibandanya iti: “Intambwe zibiri [zari] iruhande y’aho hantu ho gushira amaboko. Kandi hariho intambwe cumi na zibiri zari ng’aho kuri nya ngazi zitandatu, irya n’ino.” (2Ng 9:17-19) Kuba kuri iyo ntebe y’ubwami hari intambwe, izigereranya ububasha bwo kuganza, birabereye. (It 49:9, 10; Ivy 5:5) Bisa n’uko izo ntambwe 12 zagereranya imiryango 12 ya Isirayeli, bikaba bishobora kuba vyerekana ko iyo miryango ishigikiye uwicaye kuri iyo ntebe y’ubwami kandi ko imuyoboka. Hari intebe y’ibirenge yo mu nzahabu yari ifatanye n’iyo ntebe y’ubwami, mu buryo ubu canke buriya. Uravye uko iyo ntebe idondorwa, ko yari ikozwe mu masenge n’inzahabu, ikirurutse, ikagira akarenzo n’intambwe nini imbere yayo, nta yindi ntebe y’ubwami yari imeze nka yo ico gihe, haba mu zubuwe n’abashakashatsi, mu zicafye ku vyibutso canke mu zidondorwa mu bintu vyanditswe. Umwanditsi w’iyo nkuru yavugishije ukuri ati: “Nta bundi bwami bwari bufise intebe y’ubwami ikozwe nka yo.”​—2Ng 9:19.

17-23 NDAMUKIZA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 10-12

“Niwungukire ku mpanuro ziranga ubukerebutsi”

w18.06 13 ing. 3

Yari gushobora gushimwa n’Imana

Rehobowamu ashobora kuba yarabuze ico afata n’ico areka! Aramutse yemeye ivyo abo bantu bamusavye, vyari gushobora gutuma we, umuryango wiwe be n’abandi bo ku kirimba batabandanya kuronka ibihinda bimwebimwe baronka. Avyanse na ho, abo bantu bari gushobora kugarariza. None yakoze iki? Uwo mwami mushasha yaciye agisha inama abagabo b’inararibonye bahoze ari abajanama ba Salomo. Ariko rero, mu nyuma Rehobowamu yaciye ahanuza imisore bakuranye. Yisunze impanuro bamuhaye, yaciye afata ingingo yo gukandamiza abo bantu. Yabishuye ati: “Nzotuma ingǒgo yanyu iremera gusumba, kandi jewe, nzoyongerako. Dawe yabahanishije ibimoko, mugabo jewe nzokoresha ibishishaguzo.”​—2 Ngo. 10:6-14.

w01 1/9 28-29

Ingene wofata ingingo nziza

Yehova kandi araduha abavukanyi bahumuye mw’ishengero dushobora kwitura igihe dufata ingingo. (Abanyefeso 4:11, 12) Ariko rero igihe twitura abandi, ntidukwiye kumera nka bamwe bahetura abantu bose gushika baronse uwubashirira aho bashaka maze bagaca bakurikiza impanuro abahaye. Dukwiye kandi kwibuka akarorero ko kutuburira ka Rehobowamu. Igihe yagomba gufata ingingo ikomeye, abagabo bitereye mu myaka bari barakoranye na se wiwe baramuhaye impanuro nziza. Ariko aho kuyikurikiza, yaciye aja guhanuza abasore bari barakuranye na we. Yarumviye impanuro bamuhaye, aca afata ingingo mbi cane yatumye atakaza igice kinini c’ubwami bwiwe.​—1 Abami 12:1-17.

Igihe usaba impanuro, niwiture abazi utuntu n’utundi, batahura neza Ivyanditswe kandi bubaha cane ingingo ngenderwako zigororotse. (Imigani 1:5; 11:14; 13:20) Igihe cose bishoboka, nufate akanya uzirikane ku ngingo ngenderwako wokwisunga no ku makuru yose wegeranije. Umaze kubona ibintu nk’uko biri mw’Ijambo rya Yehova, birashoboka ko ingingo nziza wofata ica yibonekeza.​—Abafilipi 4:6, 7.

it-2 754 ing. 5

Rehobowamu

Ubwibone bwa Rehobowamu no kuba yatwaza igikenye vyatumye abantu nka bose bamuvako. Umuryango wa Yuda n’uwa Benyamini ni yo gusa yagumye ishigikiye inzu ya Dawidi. Abaherezi n’Abalewi bo muri ubwo bwami bwompi hamwe n’abandi bantu bamwebamwe bo muri iyo miryango cumi na bo nyene baramushigikiye.​— 1Bm 12:16, 17; 2Ng 10:16, 17; 11:13, 14, 16.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 618-619

Idayimoni isa n’impene

Amajambo ya Yosuwa ari muri Yosuwa 24:14 yerekana ko Abisirayeli bari barandukiwe ku rugero kanaka n’ugusenga kw’ikinyoma kwo mu Misiri mu kiringo bamazeyo. Ezekiyeli na we arerekana ko no mu nyuma babandanije gukurikiza mwene iyo migenzo y’abapagani. (Ezk 23:8, 21) Ni co gituma abahinga bamwebamwe babona ko itegeko Imana yahaye Abisirayeli mu gahinga ryo kubabuza “gushikanira ibimazi . . . ya madayimoni asa n’impene” (Lw 17:1-7) no kuba Yerobowamu yarashizeho abaherezi “ku bw’ibibanza bikirurutse no ku bw’amadayimoni asa n’impene no ku bw’inyana yari yarakoze” (2Ng 11:15) vyerekana ko hariho ubwoko bwo gusenga impene mu Bisirayeli nk’uko vyari bimenyerewe mu Misiri, canecane mu buraruko bwa Misiri. Umuhinga yitwa Hérodote (II, 46) avuga ko muri ukwo gusenga kw’Abanyamisiri ari ho Abagiriki bakuye ivyo gusenga imana Pan n’ibintu bifise ishusho y’impene n’umuntu. Izo zari imana z’ibibira zifise ivyipfuzo vy’ubuhumbu bikomeye, zikaba zahavuye zishushanywa nk’izifise amahembe, umurizo w’impene n’amaguru yayo. Hari abatanga iciyumviro c’uko ukwo kuntu izo mana z’abapagani igice kimwe cazo kimeze nk’igikoko ari ho havuye umugenzo wo gucapa Shetani afise umurizo, amahembe n’ibinono bisatuye, uwo ukaba ari umugenzo wari wiraye mu biyita abakirisu bo mu bihe vya kera.

Ariko, ivyo “vyoya” (seʽi·rimʹ) ntibivugwa neza ivyo ari vyo. Naho bamwe biyumvira ko ari impene nya mpene canke ibigirwamana bimeze nk’impene, biboneka ko atari co bisigura; nta n’ibindi vyanditswe vyemeza ico kintu. Iryo jambo rikoreshwa rirashobora gusa kwerekana ko mu bwenge bw’abasenga izo mana z’ikinyoma babona ko zimeze nk’impene canke ko zifise ivyoya. Canke na ho, kuba havugwa “impene” muri iyo mirongo bishobora kuba ari uburyo gusa bwo gusuzugura ibintu vyose bijanye no gusenga ibigirwamana, nka kurya nyene ijambo risigurwa ngo ibigirwamana mu vyanditswe bitari bike ryakuwe mw’ijambo risigura “uturundo tw’umwanda,” ariko bikaba bidashaka kwerekana ko ivyo bigirwamana vyari bikoze mu mwanda.​—Lw 26:30; Gus 29:17.

24-30 NDAMUKIZA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 13-16

“Ni ryari wokwiheka kuri Yehova?”

w21.03 5 ing. 12

Bavukanyi mukiri bato, mwokora iki ngo abandi babizigire?

12 Igihe Umwami Asa yari akiri muto, yari umuntu yicisha bugufi kandi w’umutima rugabo. Nk’akarorero, igihe yasubirira ku ngoma se wiwe Abiya, yaratanguje urugamba rwo kurwanya ugusenga ibigirwamana. Vyongeye, “[yarabwiye] Yuda kurondera Yehova Imana ya ba sekuruza babo no gushitsa itegeko n’ibwirizwa.” (2 Ngo. 14:1-7) Igihe na ho Zera Umunyetiyopiya yatera Yuda ari kumwe n’ingabo umuliyoni, Asa yaciye yambaza Yehova ngo amufashe, ati: “Ewe Yehova, ku bijanye no gutabara, nturaba ngo hari abantu benshi canke ngo hari abadafise inkomezi. Dufashe, ewe Yehova Mana yacu, kuko ari wewe twishimikije.” Ayo majambo akora ku mutima, arerekana ko Asa yari yizigiye cane ko Yehova yoshoboye kumukiza be n’abasavyi biwe. Asa yarizigiye Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru, kandi ‘Yehova yaratsinze Abanyetiyopiya.’​—2 Ngo. 14:8-12.

w21.03 5 ing. 13

Bavukanyi mukiri bato, mwokora iki ngo abandi babizigire?

13 Nta gukeka ko na wewe wemera ko kurwanya ingabo umuliyoni hatari aho gutuma umwana, ariko rero Asa yaratsinze urwo rugamba. Mugabo ikibabaje, igihe Asa yashikirwa n’ikintu kitari gikomeye nk’ico, ntiyituye Yehova. Igihe Asa yahangana na Bayasha Umwami wa Isirayeli, yituye umwami wa Siriya ngo amufashe. Ivyo vyaramukwegeye akarambaraye! Yehova abicishije ku muhanuzi Hanani, yabwiye Asa ati: “Ko wishimikije umwami wa Siriya, ntiwishimikize Yehova Imana yawe, ni co catumye inteko za gisirikare z’umwami wa Siriya zikira ukuboko kwawe.” Nkako, kuva ico gihe Asa yagumye mu ntambara z’urutavanako. (2 Ngo. 16:7, 9; 1 Abm. 15:32) None ni icigwa ikihe wohakura?

w21.03 6 ing. 14

Bavukanyi mukiri bato, mwokora iki ngo abandi babizigire?

14 Nugume wicisha bugufi kandi ubandanye wiheka kuri Yehova. Igihe wabatizwa, warerekanye ko wizera cane Yehova kandi ko umwizigira. Yehova na we yaraguteye agateka n’umutima ukunze ko kuba mu bagize umuryango wiwe. Ico rero ukwiye gukora ubu, ni ukubandanya umwihekako. Vyoshobora kukworohera kwitura Yehova igihe uhanganye no gufata ingingo zihambaye mu buzima. Bite hoho mu bindi bihe? Birahambaye ko wizigira Yehova igihe ufata ingingo, ushizemwo izijanye n’ukwisamaza, akazi k’umubiri, be n’imigambi wishingira. Ntiwishimikize ubwenge bwawe. Ahubwo riho, nurondere ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’uko ivyawe vyifashe, uheze uzisunge. (Imig. 3:5, 6) Niwabigenza gutyo, uzotuma Yehova ahimbarwa, wongere utume abo mw’ishengero bakwubaha.​—Soma 1 Timoteyo 4:12.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w17.03 19 ing. 7

Nukorere Yehova n’umutima ukwiye!

7 Umwe wese muri twebwe arakwiye gusuzuma umutima wiwe, akaraba ko ugamburukira Imana uherejeko. Niwibaze uti: ‘Noba niyemeje guhimbara Yehova, kurwanira ugusenga kw’ukuri no gukingira abasavyi biwe akosho kabi ako ari ko kose?’ Iyumvire nawe ingene vyasavye Asa umutima rugabo kugira ahagurukire Mayaka, kandi yari “umugore w’iteka” muri ico gihugu! Naho kumbure ata muntu uzi akora nk’ivya Mayaka, hoshobora gushika ibintu bigusaba kugira ishaka nk’irya Asa. Nk’akarorero, wokora iki bishitse incuti yawe canke umugenzi somambike agacumura ntiyigaye, maze agacibwa mw’ishengero? Woba wofata ingingo ruhasha yo kudasubira kwifatanya n’uwo muntu? None umutima wawe wokubwira gukora iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika