Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
© 2023 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
1-7 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 17-19
“Nubone abandi nk’uko Yehova ababona”
Woba uzoshira umutima ku bintu vyanditswe?
7 Tuvuge iki ku bijanye na Yehoshafati, umuhungu wa Asa? Yari afise kamere nziza nyinshi. Yarakoze ivyiza vyinshi kubera ko yiheka ku Mana. Ariko rero, na we nyene yarafashe ingingo zitaranga ubukerebutsi. Nk’akarorero, yaremeye ko umuhungu wiwe yabira umukobwa w’umwami mubi Ahabu w’ubwami bwo mu buraruko. Vyongeye, naho umuhanuzi Mikaya yari yamuburiye, Yehoshafati yarifatanije na Ahabu mu kurwanya Abasiriya. Muri iyo ntambara, Yehoshafati yarahatswe kuhasiga agatwe. Mu nyuma, yarasubiye i Yeruzalemu. (2 Ngo. 18:1-32) Ashitseyo, umuhanuzi Yehu yamubajije ati: “Mbega umubisha ni we yari akwiye gutabarwa? Abanka Yehova ni bo ukwiye gukunda?”—Soma 2 Ngoma 19:1-3.
Tuzirikane ku rukundo rwa Yehova rudahera
8 Yehova yipfuza ko tumenya yuko adukunda kandi ko yirengagiza udusembwa twacu. Arondera iciza muri twebwe. (2 Ngo. 16:9) Nk’akarorero, ivyo yarabigize ku bijanye n’Umwami Yehoshafati wa Yuda. Igihe kimwe, Yehoshafati yaremeye n’ubupfu n’akantu kujana n’Umwami Ahabu wa Isirayeli mu ntambara yo gukura Ramoti-gileyadi mu maboko y’Abasiriya. Naho abahanuzi b’ikinyoma 400 bemeje uwo mwami mubi Ahabu yuko yotsinze, umuhanuzi w’ukuri wa Yehova ari we Mikaya yari yaramenyesheje ko yotsinzwe ata kabuza. Ahabu yaguye ku rugamba, Yehoshafati na we ararusimba. Amaze kugaruka i Yeruzalemu, yarakangiriwe kubera ko yari yifatanije na Ahabu. Naho vyagenze ukwo, Yehu mwene Hanani umubonyi yabwiye Yehoshafati ati: “Hari ibintu vyiza vyabonetse muri wewe.”—2 Ngo. 18:4, 5, 18-22, 33, 34; 19:1-3.
9 Yehoshafati agitangura kuganza, yari yarategetse abaganwa, Abalewi be n’abaherezi ngo bakwiragire mu bisagara vyose vya Yuda kugira bigishe abanyagihugu Itegeko rya Yehova. Iryo sekeza ryaravuyemwo ivyiza ku buryo n’amahanga yari abakikuje yatanguye gutinya Yehova. (2 Ngo. 17:3-10) Naho Yehoshafati yakoze ikintu kiranga ubupfu, Yehova ntiyirengagije ibintu vyiza yari yarakoze. Iyo nkuru yo muri Bibiliya iratwibutsa ko naho tudatunganye, Yehova azodukunda urukundo rudahera nitwarondera kumuhimbara n’umutima wacu wose.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Nukorere Yehova n’umutima ukwiye!
10 Yehoshafati mwene Asa, “[yagumye] agendera mu nzira ya se wiwe Asa.” (2 Ngo. 20:31, 32) Uti gute? Cokimwe na se, Yehoshafati yararemesheje abantu kurondera Yehova. Ivyo yabigize mu gutunganya isekeza ryo kubigisha akoresheje “igitabu c’itegeko rya Yehova.” (2 Ngo. 17:7-10) Yarahevye aja no mu karere k’ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko, mu karere k’imisozi ka Efurayimu, “kugira ngo abagarukane kuri Yehova.” (2 Ngo. 19:4) Umwami Yehoshafati “[yara]rondeye Yehova n’umutima wiwe wose.”—2 Ngo. 22:9.
11 Yehova yipfuza ko twese tugira uruhara mu gikorwa gihambaye co kwigisha kiriko kirakorwa muri iki gihe. Buri kwezi, woba wigisha abandi Ijambo ry’Imana, kugira ngo ubavyurire umutima wo gukorera Imana? Ugize akigoro, Imana irashobora kuguhezagira, ugatanguza inyigisho ya Bibiliya. Ico kintu woba ugishira mw’isengesho? Woba wokwigora naho vyosaba ko uheba umwanya bamwebamwe babona ko ari uwo kwiruhukira? Vyongeye, nka kumwe Yehoshafati yaja mu karere ka Efurayimu gufasha abantu ngo bagaruke ku gusenga kw’ukuri, na twebwe turashobora kugerageza gufasha abahororokewe. Ikindi na co, abakurambere baratunganya ivyo kugendera no gufasha abaciwe baba mu cibare c’ishengero ryabo, bashobora kuba barahevye ingendo mbi bahozemwo.
8-14 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 20-21
“Niwizere Yehova Imana yawe”
Turindire iherezo ry’iyi si ishaje twunze ubumwe
8 Mu gihe c’Umwami Yehoshafati, abasavyi b’Imana baratewe n’umwansi akomeye, rikaba ryari “isinzi rinini” rivuye mu turere twari tubakikuje. (2 Ngo. 20:1, 2) Birashimishije kubona abo basavyi b’Imana batagerageje kurwanya umwansi bakoresheje inguvu zabo bwite. Ahubwo nyabuna bituye Yehova. (Soma 2 Ngoma 20:3, 4.) Vyongeye, ntibabigize umwe wese ku giti ciwe, nk’uko yabona ko bibereye. Bibiliya ivuga iti: “Abo muri Yuda bose bari bahagaze imbere ya Yehova, mbere n’abana babo batoyi n’abagore babo n’abahungu babo.” (2 Ngo. 20:13) Baba abato canke abakuze, bose barihatiye gukurikiza ubuyobozi bwa Yehova babigiranye ukwizera, kandi yarabakingiye umwansi wabo. (2 Ngo. 20:20-27) Ako none si akarorero keza k’ukuntu twebwe abasavyi ba Yehova twovyifatamwo mu ngorane?
Yemwe abaherutse kurushinga, nimushire imbere gukorera Yehova
7 Yehova yaravuganye na Yehoshafati biciye ku Mulewi yitwa Yahaziyeli. Yehova yamubwiye ati: “Muze mufate ikibanza canyu, muhagarare mudakoma maze mubone ubukiriro bwa Yehova muzokirishwa.” (2 Ngo. 20:13-17) None ga yemwe ukwo ni ko barwana intambara? Ariko rero, ivyo ntiyari abitegetswe n’umuntu, yari abitegetswe na Yehova. Kubera ko Yehoshafati yizigira Yehova aherejeko, yarakoze ivyo yari amubwiye. Igihe we n’abatwarwa biwe baja kurwanya umwansi, imbere y’ingabo ziwe yahashize abaririmvyi batagira ibirwanisho, aho kuhashira abasoda karuhariwe. Imana yarashikije ivyo yari yasezeraniye Yehoshafati, iratsinda abo bansi.—2 Ngo. 20:18-23.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 1190 ing. 5-6
Yehoramu
N’imiburiburi bivuye canecane ku kosho kabi k’umugore wiwe Ataliya, Yehoramu ntiyakoze ibigororotse nka se wiwe Yehoshafati. (2Bm 8:18) Yehoramu ntiyishe gusa benewabo batandatu be na bamwe mu baganwa ba Yuda ariko kandi yarakuye abatwarwa biwe kuri Yehova atuma basenga imana z’ikinyoma. (2Ng 21:1-6, 11-14) Ubwami bwiwe bwose bwaranzwe n’ingorane mu gihugu be n’intambara zava hanze. Ubwa mbere, Edomu yaragararije; hanyuma Libuna ica iriganzura Ubuyuda. (2Bm 8:20-22) Mw’ikete umuhanuzi Eliya yandikiye Yehoramu, yamuburiye ati: “Ehe Yehova agira akubite bikomeye abantu bawe, n’abahungu bawe, n’abagore bawe, n’ibintu vyawe vyose.” N’ikindi kandi, yabwiye Umwami Yehoramu ati: “Nawe uzogira indwara nyinshi, hamwe n’indwara y’amara yawe, gushika amara yawe asohotse kubera iyo ndwara, ku musi ku musi.”—2Ng 21:12-15.
Vyose vyagenze ukwo nyene. Yehova yararetse Abarabu n’Abafilisitiya barashwara igihugu maze batwara abagore n’abana ba Yehoramu mu bunyagano. Imana yaretse gusa Yehowahazi umuhererezi wa Yehoramu (uwitwa kandi Ahaziya), aba ari we acika kw’icumu. Ariko ivyo vyabaye gusa kubera isezerano ry’Ubwami Yehova yagiraniye na Dawidi. “Inyuma y’ivyo vyose, Yehova amuteza [Yehoramu] mu mara indwara idashobora gukira.” Haheze imyaka ibiri ‘amara yiwe yarasohotse’ maze amaherezo arapfa. Iryo ni ryo herezo ry’ubuzima bw’uwo mugabo w’umubisha, akaba ‘yasandavye ata wukimushaka.’ Yahambwe mu Gisagara ca Dawidi, “mugabo ntibamuhamba mu mva z’abami.” Umuhungu wiwe Ahaziya aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.—2Ng 21:7, 16-20; 22:1; 1Ng 3:10, 11.
15-21 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 22-24
“Yehova araha impera ibikorwa biranga umutima rugabo”
Yowasi yarahevye Yehova kubera abagenzi babi
CARI igihe giteye ubwoba cane i Yeruzalemu, igisagara carimwo urusengero rw’Imana. Umwami Ahaziya nta kanya kari bwahere yishwe. Ivyo Ataliya nyina wiwe yaciye akora ico gihe, vyari agahomerabunwa. Yaricishije abana ba Ahaziya, ni ukuvuga abuzukuru biwe bwite! Woba uzi icabitumye?— Kwari ukugira ngo ntihagire n’umwe muri bo aba umutegetsi, ahubwo abe ari we aba umutegetsi.
Ariko rero, umwe mu buzukuru ba Ataliya yari akiri akayoya ari we Yowasi, yararokowe kandi inakuru nta vyo yigeze aca n’ikanda. Woba ushaka kumenya ingene yarokowe?— Urabona, urwo ruyoya rwari rufise inasenge yitwa Yehosheba, uno akaba yaranyegeje Yowasi mu rusengero rw’Imana. Ivyo yashoboye kubigira kubera yuko umunega wiwe yari Umuherezi mukuru Yehoyada. Bafatanije rero, baritwararitse cane ivy’uko Yowasi agumizwa ahantu hatagira inkomanzi.
Yowasi yarahevye Yehova kubera abagenzi babi
Yowasi yaramaze imyaka itandatu anyegejwe mu rusengero ata wubizi. Aho yarahigishirijwe ibintu vyose vyerekeye Yehova Imana be n’amategeko yiwe. Amaherezo, igihe Yowasi yakwiza imyaka indwi, Yehoyada yaciye atunganya ivy’uko yimikwa akaba umwami. Woba ushaka kwumva ukuntu Yehoyada yabigenjeje be n’ivyashikiye inakuru wa Yowasi, ari we wa Mwamikazi w’umubisha Ataliya?—
Urumva, Yehoyada yarakoranije mu mpisho abarinzi badasanzwe abami b’i Yeruzalemu bari bafise ico gihe. Yarababwiye ukuntu we n’umukenyezi wiwe bari bararokoye wa mwana yari akiri uruyoya w’Umwami Ahaziya. Yehoyada yaciye yereka Yowasi abo barinzi, bano bakaba baciye batahura ko ari we yari umutegetsi yemewe. Umugambi rero waciye upfundikwa.
Yehoyada yarasohokanye Yowasi maze amwambika urugori. Ivyo bibaye, abantu baciye “bakoma amashi, baravuga, bat’Umwami n’ahangame!” Ba barinzi baciye bakikuza Yowasi kugira ngo bamukingire. Igihe rero Ataliya yumva urwo rwamo rwose rw’umunezero, yaciye yiruka hanze maze aravyiyamiriza. Ariko ba barinzi, babitegetswe na Yehoyada, baciye bica Ataliya.—2 Abami 11:1-16.
it-1 776 ing. 8
Guhamba, ibibanza vyo guhambamwo
Umuherezi mukuru agororotse Yehoyada yaratewe agateka ko guhambwa “mu Gisagara ca Dawidi hamwe n’abami,” uwo akaba ari we muntu wenyene atakomoka mu muryango wa cami yatewe iryo teka.—2Ng 24:15, 16.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 1231 ing. 10
Zekariya
12. Umuhungu w’umuherezi mukuru Yehoyada. Yehoyada amaze gupfa, Umwami Yehowasi yaciye aheba ugusenga kw’ukuri, yumviriza abahanuzi b’ikinyoma aho kwumviriza abahanuzi ba Yehova. Zekariya, incuti ya Yehowasi (2Ng 22:11), yaragabishije abantu ata gufyina ku bijanye n’ico kintu, ariko aho kwigarura, baciye bamutera amabuye mu kigo c’urusengero. Zekariya ariko aracikana yavuze ati: “Yehova nabirabe, avyishuze.” Ico kintu yasavye mu buryo bw’ubuhanuzi carashikijwe, kubera ko Abasiriya bateje ingorane zikomeye Yuda ariko kandi Yehowasi akicwa n’abasuku biwe babiri “kubera amaraso ya bene Yehoyada umuherezi.” Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante na Bibiliya y’ikilatini yitwa Vulgate zivuga ko Yehowasi yishwe ku bwo guhora “mwene” Yehoyada. Ariko igisomwa c’Abamasoreti na Bibiliya yo mu gisiriyake yitwa Peshitta, bivuga ngo “bene,” bikaba bishoboka yuko bihavuga mu bwinshi kugira vyerekane icubahiro n’iteka vy’umuhanuzi n’umuherezi Zekariya mwene Yehoyada.—2Ng 24:17-22, 25.
22-28 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 25-27
“Yehova arafise uburyo bwo kuguha ibiruta ivyo”
it-2 1186 ing. 3
Jehowasi
Yehowasi yahereye kandi ingabo ibihumbi ijana ku mwami wa Yuda kugira barwanye Abanyedomu. Ariko rero, bivuye ku mpanuro y’“umuntu umwe w’Imana y’ukuri” zarasubijwe inyuma. Naho bari bahawe italanto ijana z’ifeza (amadolari 660.600) imbere y’igihe, barashavujwe n’uko basubijwe muhira, bikaba biboneka ko bashavujwe no kuba bari bahomvye isahu bari kuronka. Bamaze rero gusubira mu buraruko barasahuye ibisagara vyo mu bwami bwo mu bumanuko, kuva i Samariya (ahashobora kuba hari ikirindiro cabo) gushika i Beti-horoni.—2Ng 25:6-10, 13.
Ingene ‘wohonja’ ukumera neza kwa Yehova
16 Nugire ivyo uhevye kugira ukorere Yehova. Si ngombwa ngo duhebe ibintu vyose dutunze kugira ngo duhimbare Yehova. (Umus. 5:19, 20) Ariko rero, hamwe tworeka gukora vyinshi mu murimo wa Yehova kugira gusa twirinde kugira ivyo duhevye, twoshobora gukora ikosa nk’irya wa mugabo avugwa mu kigereranyo ca Yezu, yirundaniriza amatungo akirengagiza Imana. (Soma Luka 12:16-21.) Umuvukanyi yitwa Christian wo mu Bufaransa avuga ati: “Sinariko ndaha Yehova be n’umuryango wanje umwanya be n’inguvu bikwiye.” We n’umugore wiwe baciye bafata ingingo yo gukora ubutsimvyi. Ariko kugira bashike kuri uwo mugambi, bompi bategerezwa guheba akazi. Kugira ngo bibesheho, baciye batangura gukora akazi kabayabaye ko gukora isuku mu nzu z’abantu, bongera bariga kubeshwaho na bike. None hoba hari ivyiza bironkeye? Christian avuga ati: “Ubu turaronkera umunezero mwinshi mu ndimiro, kandi turahimbarwa no kubona abo twigisha Bibiliya be n’abo dusubira kugendera biga ivyerekeye Yehova.”
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Woba ufise uwugufasha mu vy’impwemu?
UZIYA akiri umwana w’imyaka 16, yarimitswe aba umwami w’ubwami bw’Ubuyuda bwo mu Bumanuko. Yamaze imyaka irenga 50 ku ngoma, kuva mu mpera z’ikinjana c’icenda gushika mu ntango z’ikinjana c’umunani B.G.C. Kuva Uziya akiri muto cane, “[y]akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza”. Ni igiki catumye akurikira ingendo y’ubugororotsi? Inkuru y’ivya kahise ivuga iti: “[Uziya yashize] umutima ku kurondera Imana mu gihe cose ca Zekariya, umuntu yamwigishije kwubaha Imana; kand’uko yakomeje kurondera Uhoraho, Imana yamuhaye umugisha”.—2 Ngoma 26:1, 4, 5.
Nta kintu kinini kizwi ku vyerekeye Zekariya, umuhanuzwajambo w’umwami, uretse ibiri muri iyo nkuru yo muri Bibiliya. Yamara rero, kubera ko Zekariya yari umuntu ‘yigisha kwubaha Imana y’ukuri’, yaragize akosho keza kuri uwo mutware akiri muto katumye akora ibigororotse. Nk’uko igitabu kimwe (The Expositor’s Bible) kibivuga, biboneka ko Zekariya yari “umugabo yanongoreye inyigisho z’ibintu vyeranda, azi utuntu n’utundi mu vy’Imana kandi ashoboye kubwira abandi ivyo azi”. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yashitse ku ciyumviro gikurikira ku bijanye na Zekariya: “Yari azi cane ivyerekeye ubuhanuzi vyongeye . . . yari incabwenge, afise ishaka, umuntu mwiza; kandi, bisa n’uko yari afise akosho gakomeye kuri Uziya”.
29 RUSAMA–4 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 28-29
“Urashobora gukorera Yehova naho abavyeyi batoba barakubereye akarorero keza”
Twigane abagenzi somambike ba Yehova
8 Hezekiya yari atandukanye na Rusi kubera ko yavukiye mw’ihanga ryari ryariyeguriye Yehova. Mugabo si Abisirayeli bose babaho bisunga ukwo kwiyegura. Umwe muri abo ni Umwami Ahazi se wa Hezekiya. Uwo mugabo w’umubisha yaratumye ubwami bwa Yuda busenga ibigirwamana, mbere arahumanya urusengero rwa Yehova rwari i Yeruzalemu. Hezekiya ategerezwa kuba atorohewe mu bwana bwiwe, kuko bamwe mu bo bavukana bishwe mu buryo buteye ikinya baturiwe ari bazima kugira babe ibimazi vy’imana y’ikinyoma!— 2 Abm. 16:2-4, 10-17; 2 Ngo. 28:1-3.
Twigane abagenzi somambike ba Yehova
9 Vyari kworoha ko Hezekiya akura ari umuntu mubi, w’inkazi kandi aterekwa Imana. Hariho abaca mu ngorane zoroshe uzigereranije n’izo, bagaca biyumvira yuko bafise imvo yumvikana yo “[gu]shangashirirwa Yehova” canke gushavurira ishirahamwe ryiwe. (Imig. 19:3) Abandi na bo usanga bemeza yuko kuba bakuriye mu muryango urimwo ingorane ari vyo bituma bakora ibibi, kumbure bakigana amakosa y’abavyeyi babo. (Ezk. 18:2, 3) None ivyo vyiyumviro vyoba ari vyo?
10 Inkuru y’ubuzima bwa Hezekiya irerekana ko atari vyo na gato. Nta mvo yumvikana n’imwe yigera ibaho yo gushangashirirwa Yehova, kuko atari we ateza amabi ashikira abantu muri iyi si mbi. (Yobu 34:10) Ego ni ko, abavyeyi barashobora kwigisha abana babo gukora ivyiza canke ibibi. (Imig. 22:6; Kol. 3:21) Mugabo ivyo ntibisobanura ko umuryango umuntu akuriyemwo ari wo ushinga ingene azobaho. Ahubwo nyabuna, Yehova yaraduhaye twese ingabirano y’agaciro, akaba ari ubushobozi bwo guhitamwo ico tuzokora be n’ico tuzoba. (Gus. 30:19) None Hezekiya yakoresheje gute iyo ngabirano?
11 Naho Hezekiya yari umwana w’umwe mu bami babi kuruta abandi bose batwaye Yuda, yahavuye aba umwe mu bami beza kuruta abandi bose. (Soma 2 Abami 18:5, 6.) Ego ni ko, se wiwe yaratanze akarorero kabi cane, mugabo hariho abandi bantu beza yahisemwo kwigana. Yarateze yompi abahanuzi ba Yehova bariho ico gihe nka Yesaya, Mika na Hoseya. Turashobora kwiha ishusho Umwami Hezekiya yacokeye rwose mu majambo yahumetswe abo bagabo b’abizigirwa bavuga, akemera Yehova akamuhanura akongera akamukosora. Hezekiya yaratanguye rero gukosora ibibi vy’agahomerabunwa se wiwe yari yarakoze. Yarahumanuye urusengero, arahongera ibicumuro vy’abantu yongera aratunganya isekeza rikomeye kandi rishika kure ryo gutikiza ibigirwamana vy’abapagani. (2 Ngo. 29:1-11, 18-24; 31:1) Igihe Hezekiya yari ahanzwe n’ingorane zikomeye, nka ca gitero umwami wa Ashuri Senakeribu yagaba kuri Yeruzalemu, yaragaragaje umutima rugabo n’ukwizera. Yarizigiye ko Yehova yomukingiye yongera arakomeza abantu biwe mu vyo yavuga no mu vyo yakora. (2 Ngo. 32:7, 8) Mu nyuma, igihe Hezekiya yari akeneye gukosorwa kubera yagaragaje ubwibone, yaricishije bugufi maze arigaya. (2 Ngo. 32:24-26) Biragaragara ko Hezekiya ataretse ngo kahise kiwe konone ubuzima yari afise ico gihe canke ngo kamubuze gutegura kazoza. Ahubwo riho, yaragaragaje ko yari umugenzi wa Yehova akaba n’akarorero keza twokwigana.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Natani—Yaraburaniye ugusenga gutyoroye adahemuka
Kubera ko Natani yari umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa, yarashigikiye abigiranye umunezero uwo mugambi Dawidi yari afise wo kwubaka ahantu ha mbere hogumye ari intimatima y’ugusenga gutyoroye kw’isi. Ariko rero, biboneka ko ico gihe Natani yashikirije ukuntu we ubwiwe abona ibintu aho kuvuga mw’izina rya Yehova. Muri iryo joro, Imana yarategetse uwo muhanuzi wayo gushira uwo mwami ubutumwa butandukanye n’iciyumviro yari yashikirije, ubwavuga yuko Dawidi atokwubatse urusengero rwa Yehova. Uworwubatse yobaye umwe muri bene Dawidi. Mugabo Natani yaramenyesheje yuko Imana yagira igiranire isezerano na Dawidi ku buryo intebe y’ubwami yiwe ‘yoshimangiwe gushika igihe kitagira urugero.’—2 Sam. 7:4-16.
Ivyo Imana yagomba ntivyari bihuye n’ukuntu Natani yabona ibintu ku bijanye n’iyubakwa ry’urusengero. Ariko rero, uwo muhanuzi yicisha bugufi yaremeye umugambi wa Yehova atidodomba maze arawushigikira. Ese ukuntu ari akarorero keza twokurikiza bishitse Imana ikadukosora mu buryo bunaka! Ibikorwa Natani yakoze ari umuhanuzi inyuma y’aho, birerekana ko Imana yabandanije kumutonesha. Nkako, biboneka ko Yehova yahumekeye Natani hamwe na Gadi umubonyi kugira ngo bayobore Dawidi mu bijanye no kwungunganya abacuraranzi 4.000 mu gikorwa co ku rusengero.—1 Ngo. 23:1-5; 2 Ngo. 29:25.
5-11 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 30-31
“Gukoranira hamwe biratugirira akamaro”
it-1 1132 ing. 4
Hezekiya
Yari afitiye umwete ugusenga kw’ukuri. Hezekiya yerekanye ko afitiye umwete ugusenga Yehova akimara kwimikwa afise imyaka 25. Ikintu ca mbere yakoze kwari ugusubira kwugurura urusengero no kurusanura. Mu nyuma, yarakoranije abaherezi n’Abalewi, maze ababwira ati: “Mfise icipfuzo mu mutima wanje co kugirana isezerano na Yehova Imana ya Isirayeli.” Iryo ryari isezerano ryo kudahemuka, naho isezerano ry’Itegeko ryari rigikora ariko rikaba ryarirengagijwe, ryarasubijweho gushasha muri Yuda. Yarakoresheje inguvu nyinshi kugira atunganye Abalewi mu bikorwa vyabo, yongera arasubizaho intunganyo z’umuziki no gushemeza Imana. Hari kuri Nisani, ukwezi bahimbarizamwo Pasika, ariko rwaba urusengero, Abaherezi canke Abalewi nta na kimwe cari gihumanuwe. Ku musi ugira 16 Nisani, urusengero rwari rwahumanuwe n’ibikoresho vyarwo vyasubijweho. Mu nyuma Abisirayeli bose baratangiwe impongano idasanzwe. Ubwa mbere, abaganwa barazanye ibimazi, amashikanwa y’igicumuro ku bw’ihanga, ku bw’aheranda, no ku bw’abantu, hakurikira amashikanwa aturirwa ibihumbi atanzwe n’abantu.—2Ng 29:1-36.
it-1 1132 ing. 5
Hezekiya
Kubera ko kuba abantu bari bahumanye vyatumye badahimbaza Pasika ku gihe bari basanzwe bayihimbarizako, Hezekiya yarisunze itegeko ryarekurira abahumanye guhimbaza Pasika mu kwezi kwakurikira. Ntiyahamagaye gusa Yuda ariko kandi yarararitse na Isirayeli yose biciye ku birutsi batwaye amakete mu gihugu cose kuva i Beyeri-sheba gushika i Dani. Abo birutsi abantu benshi barabashinyagurira; ariko hariho abantu, canecane abo muri Asheri, Manase, na Zebuloni, bicishije bugufi baraza. Hari na bamwebamwe bo muri Efurayimu no muri Isakari na bo nyene baje. Uretse abo, hari benshi mu batari Abisirayeli na bo nyene baje. Biboneka ko vyari bigoye cane ko abantu bo mu bwami bwo mu buraruko, abashigikira ugusenga kw’ukuri, baza. Abo, cokimwe n’izo ntumwa, barahamwa bakongera bagatyekezwa, mu gihe bwa bwami bugizwe n’imiryango cumi bwari bwarahevye ugusenga kw’ukuri bukisuka mu gusenga kw’ikinyoma, bakongera bagahahazwa n’Abashuri.—2Ng 30:1-20; Gh 9:10-13.
it-1 1132 ing. 6-7
Hezekiya
Inyuma ya Pasika, Umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro wamaze imisi indwi uhimbazwa n’umunezero ku buryo ishengero ryose ryafashe ingingo yo kumara iyindi misi indwi riwuhimbaza. No muri ivyo bihe biteye akaga Yehova yarabahaye umuhezagiro ku buryo “haba umunezero mwinshi i Yeruzalemu, kuko kuva mu misi ya Salomo mwene Dawidi umwami wa Isirayeli hatari harigeze kuba ibimeze nk’ivyo i Yeruzalemu.”—2Ng 30:21-27.
Icerekana ko uko kwari ugusubiza ibintu mu buryo kw’ukuri no gusubira kuvyura ugusenga kw’ukuri aho kuba gusa ugukorana kugira biryoherererwe, birabonekera mu vyakurikiye. Imbere yo gusubira muhira iwabo, abari kuri uwo musi mukuru barasohotse maze baramenagura ibikingi vyeranda, barasambura ibibanza bikirurutse n’ibicaniro, bongera basiturira hasi inkingi nyeranda muri Yuda no muri Benyamini eka mbere no muri Manase. (2Ng 31:1) Hezekiya yaratanze akarorero mu kujanjagura ya nzoka y’umujumpu Musa yari yakoze, kubera ko abantu bari bayigize ikigirwamana, bakayifumbishiriza umwotsi w’ibimazi. (2Bm 18:4) Inyuma y’uwo musi mukuru uhambaye Hezekiya yabandanije ashigikira ugusenga kw’ukuri mu gutunganya abaherezi mu mice no mu gushiraho intunganyo zo gushigikira ibikorwa vyo ku rusengero; yaranahimirije ivyo kugamburuka Itegeko ryasaba guha ibigiracumi n’imishuzo Abalewi n’abaherezi, abantu bakaba barabishize mu ngiro n’umutima wabo wose.—2Ng 31:2-12.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
“Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze”
14 Ikindi kintu kigaragaza ko twicisha bugufi ni ugutega yompi abandi n’umutima ukunze. Muri Yakobo 1:19 havuga ko dukwiye ‘gutebuka kwumva.’ Yehova araduha akarorero ntangere muri uwo muce. (Ita. 18:32; Yos. 10:14) Rimbura ivyo twigira ku kiyago kiri muri Kuvayo 32:11-14. (Soma.) Naho Yehova atari akeneye ko Musa amuterera ivyiyumviro, yaramuretse araserura ingene abona ibintu. Ubwo woshobora kuguma wumviriza umuntu amaze guserura ivyiyumviro bitari vyo, ugaca ukora ivyo akubwiye? Yehova wewe arumviriza yihanganye abantu bose bamusenga babigiranye ukwizera.
15 Umwe wese muri twebwe arakwiye kwibaza ati: ‘Nimba Yehova yicisha bugufi akumviriza abantu nk’uko yabigize kuri Aburahamu, Rasheli, Musa, Yosuwa, Manowa, Eliya na Hezekiya, sinkwiye none kurushiriza gutera iteka abavukanyi banje bose nkabaha icubahiro, ngatega yompi ivyo bavuga, mbere nkisunga ivyiyumviro vyabo vyiza? Hoba hari umuntu mw’ishengero canke mu muryango nkwiye kurushiriza gutega yompi? None ngiye gukora iki?’—Ita. 30:6; Abac. 13:9; 1 Abm. 17:22; 2 Ngo. 30:20.
12-18 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 32-33
“Nube isoko ry’indemesho mu bihe vy’ingorane”
it-1 212 ing. 6
Ashuri
Senakeribu. Senakeribu, umuhungu wa Sargon II, yarateye ubwami bwa Yuda mu mwaka ugira 14 Hezekiya ari ku ngoma (732 imbere ya Kristu). (2Bm 18:13; Yes 36:1) Hezekiya yariganzuye ingogo Abashuri bari baramushizeko kubera ivyo se wiwe Ahazi yari yarakoze. (2Bm 18:7) Ivyo vyatumye Senakeribu ashwara muri Yuda, bikaba bivugwa ko yigaruriye ibisagara 46 (gereranya na Yes 36:1, 2). Amaherezo, igihe yari akambitse i Lakishi, yasavye Hezekiya ikibuguro c’italanto 30 z’inzahabu (nk’amadolari 11.560.000) n’italanto 300 z’ifeza (nk’amadolari 1.982.000). (2Bm 18:14-16; 2Ng 32:1; gereranya na Yes 8:5-8.) Biciye kuri ayo mahera yatanzwe, Senakeribu yaciye arungika umuvugizi wiwe gusaba ko Yeruzalemu yokwishikana ata gisabwe. (2Bm 18:17–19:34; 2Ng 32:2-20) Mu nyuma Yehova yaratikije abasoda biwe 185.000 mw’ijoro rimwe, bica bituma uwo Mwashuri yirata aheba kugaba igitero agasubira i Ninewe. (2Bm 19:35, 36) Yahavuye yicwa na babiri mu bahungu biwe maze uwundi muhungu wiwe, Esari-hadoni, aba ari we amusubirira ku ngoma. (2Bm 19:37; 2Ng 32:21, 22; Yes 37:36-38) Ivyo vyabaye, uretse ugutikizwa kw’ingabo za Ashuri, biranditse kandi ku kibumbano ca Senakeribu be no ku ca Esari-hadoni.—AMAFOTO, Igitabu ca 1, rup. 957.
Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe
12 Yehova yama yiteguriye kudukorera ivyo tudashobora kwikorera, mugabo yiteze ko dukora ivyo dushoboye. Hezekiya yaragishije inama “abaganwa biwe n’abagabo b’abanyenkomezi biwe,” maze bafatira ingingo hamwe “yo kuzibira amazi y’imbizi yari hanze y’igisagara . . . Vyongeye, [Hezekiya yaragize] umutima rugabo, yubaka uruhome rwose rwari rwarasenyuwe yongera aduza iminara kuri rwo, yubaka n’urundi ruhome hanze; . . . akora n’ibirwanisho vyinshi batera, be n’inkinzo.” (2 Ngo. 32:3-5) Kugira ngo Yehova akingire yongere aragire abasavyi biwe muri ico gihe, yakoresheje abagabo b’intwari batari bake, ari bo Hezekiya, abaganwa biwe n’abahanuzi bakomeye mu vy’impwemu.
Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe
13 Ivyo Hezekiya yakoze ubukurikira vyari bihambaye mbere kuruta kuzibira amazi canke gukomeza impome z’igisagara. Kubera ko Hezekiya yari umwungere yitwararika ibintu, yarakoranije abantu maze arabaremesha mu buryo bw’impwemu n’aya majambo agira ati: “Ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba kubera umwami wa Ashuri . . . kuko abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na we. We ari kumwe n’ukuboko kw’abantu buntu, mugabo twebwe turi kumwe na Yehova Imana yacu kugira ngo adutabare no kugira arwane intambara zacu.” Mbega icibutsa gikomeza ukwizera! Yehova yorwaniye abasavyi biwe. Abayuda bavyumvise, baciye “bishimikiza amajambo ya Hezekiya umwami wa Yuda.” Urabona ko “amajambo ya Hezekiya” ari yo yatumye abantu barema. We n’abaganwa biwe be n’abagabo b’abanyenkomezi biwe, hamwe n’umuhanuzi Mika na Yesaya, barabaye abungere kirumara, nk’uko nyene Yehova yari yarabivuze biciye ku muhanuzi wiwe.—2 Ngo. 32:7, 8; soma Mika 5:5, 6.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ukwigaya nyakuri ni iki?
11 Yehova yahavuye yishura amasengesho Manase yamutuye. Ivyo Manase yavuze mu masengesho yiwe, vyareretse Yehova ko yari yahindutse. Yehova yarumvise ugutakamba kwiwe maze amusubiza ku ngoma. Manase yaciye akora ibishoboka vyose, kugira ngo yerekane ko yari yigaye vy’ukuri. Yarakoze ivyo Ahabu atigeze akora. Yarahinduye ingendo. Yararwanije cane ugusenga kw’ikinyoma, aca arashigikira ugusenga kw’ukuri. (Soma 2 Ngoma 33:15, 16.) Ivyo vyasavye Manase umutima rugabo n’ukwizera, kuko yari amaze imyaka myinshi aha akarorero kabi abo mu muryango wiwe, abanyacubahiro bo mu bwami bwiwe be n’abantu bo mu gisata ciwe. Ariko rero mu myaka yiwe ya nyuma, Manase yaragerageje gukosora ibintu bimwebimwe yari yarononye. Biboneka kandi ko yagize akosho keza ku mwuzukuru wiwe Yosiya, uwahavuye aba umwami mwiza cane.—2 Abm. 22:1, 2.
12 None twokwigira iki kuri Manase? Uretse ko yicishije bugufi, yaragize n’ibindi akoze. Yarasenze asaba kugirirwa imbabazi. Vyongeye, yarahinduye ingendo. Yarihatiye gukosora ivyo yari yarononye, ararondera gusenga Yehova, arafasha n’abandi kubigira. Akarorero ka Manase, kararemesha mbere n’abacumuzi katwa. Karaduha ikimenyamenya gikomeye cerekana ko Yehova Imana ari ‘mwiza kandi ko yiteguriye kubabarira.’ (Zab. 86:5) Abigaya vy’ukuri barababarirwa.
19-25 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 NGOMA 34-36
“Woba uriko urungukira bimwe bishitse kw’Ijambo ry’Imana?”
it-1 1152 ing. 9
Hulida
Igihe Yosiya yumva bariko basoma ‘amajambo yo mu gitabu c’itegeko’ ico umuherezi mukuru Hilikiya yubuye igihe bariko barasanura urusengero, yaciye arungika intumwa gusiguza Yehova. Baragiye kwa Hulida, na we arabasobanurira ijambo rya Yehova, iryerekana ko ivyago vyose vyavuye ku kugambarara vyanditse muri ico “gitabu” vyoshikiye iryo hanga ry’irihuni. Hulida yongeyeko yuko, kubera ko Yosiya yicishije bugufi imbere ya Yehova, atobonye ivyo vyago, ariko ko yohambije ba sekuruza biwe maze agahambwa mu mahoro.—2Bm 22:8-20; 2Ng 34:14-28.
Tugirire umwete inzu ya Yehova!
20 Mu gihe igikorwa co gusanura urusengero cari catunganijwe n’Umwami Yosiya cariko kirakorwa, Umuherezi mukuru Hilukiya “[yararengutse] ku gitabo c’ivyagezwe vy’Uhoraho, ivyo Mose yazanye.” Yaciye agiha Shafani umukarani w’Umwami, na we aca atangura kugisomera Yosiya. (Soma 2 Ngoma 34:14-18.) None ivyo vyagize ico bikoze gute? Ubwo nyene umwami yaciye atantamura impuzu ziwe n’umubabaro mwinshi, maze aca ategeka abantu biwe kuja kubaza Yehova. Biciye ku muhanuzikazi Hulida, Imana yaratanze ubutumwa bwiyamiriza imigenzo imwimwe yo mu vy’idini yagirwa mu Buyuda. Yamara rero, Yehova yarabonye utwigoro twiza Yosiya yagize two gukuraho iyo migenzo ijanye n’ugusenga ibigirwamana, bituma aguma yemewe mu nyonga za Yehova, ivyago vyari vyaravuzwe yuko vyoshikiye iryo hanga ryose ntivyarishikira mu gihe ciwe. (2 Ngo. 34:19-28) None ni igiki dushobora kwigira kuri ico kintu? Nta gukeka ko icipfuzo dufise ari nk’ico Yosiya yari afise. Twipfuza gukurikiza tudatebaganye ubuyobozi Yehova atanga, tukazirikana ata gufyina ku vyoshobora kudushikira hamwe tworeka ngo ubuhuni be n’uguhemuka binyohe ugusenga kwacu. Kandi, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoshima umwete dufitiye ugusenga kw’ukuri, nk’uko nyene yabigize mu gihe ca Yosiya.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Woba uzoshira umutima ku bintu vyanditswe?
15 Mu gusozera, reka turabe icigwa dukura ku vyashikiye wa mwami mwiza Yosiya. Rimbura icatumye atsindwa, mbere akahasiga n’ubuzima. (Soma 2 Ngoma 35:20-22.) Yosiya yaragiye kurwanya Umwami Neko wa Misiri, naho uwo mwami yabwiye Yosiya ko ata co bapfa. Bibiliya ivuga ko amajambo ya Neko yari “yavuye mu kanwa k’Imana.” None ni igiki catumye Yosiya aja kumurwanya? Bibiliya nta co ivuga.
16 None Yosiya yari kubwirwa n’iki ko amajambo ya Neko yari yavuye kuri Yehova? Yari kuja gusiguza Yeremiya, akaba yari umwe mu bahanuzi bariho b’abizigirwa. (2 Ngo. 35:23, 25) Mugabo nta cerekana ko yabigize. Vyongeye, Neko yari yigiriye i Karikemishi “kurwanya iyindi nzu,” ntiyari agiye gutera Yeruzalemu. N’ikindi kandi, Neko ntiyariko acokora izina rya Yehova canke abasavyi biwe. Yosiya rero ntiyari akwiye kuja kurwanya Neko. Twoba tubona icigwa tuhakura? Igihe hari ikibazo, biraba vyiza tubanje kurimbura ico Yehova yipfuza ko twokora.
17 Igihe havyutse ikibazo, turakwiye kurimbura ingingo ngenderwako zodufasha, maze tukazisunga. Rimwe na rimwe, twoshobora no kwitura abakurambere. Vyoshika tukaba twamaze kurimbura ivyo dusanzwe tuzi ku bijanye n’iyo ngorane, mbere tukaba twagize n’ubushakashatsi. Mugabo rero, hoshobora kuba hari izindi ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya abakurambere bodufasha kurimbura. Tubitangire akarorero: Mushiki wacu umwe arazi ko ategerezwa kwamamaza inkuru nziza. (Ivyak. 4:20) Dufate rero ko ateguye kuja mu ndimiro ku musi kanaka, ariko umugabo wiwe atizeye akaba yipfuza ko yoguma muhira. Nya mugabo amubwiye ko bamaze igihe kinini batamarana umwanya, akaba rero yipfuza ko bokorera hamwe ikintu kanaka. Uwo mushiki wacu yoshobora kurimbura ivyanditswe vyomufasha, nk’ikivuga ibijanye n’ibanga dufise ryo guhindura abantu abigishwa canke kugamburukira Imana. (Mat. 28:19, 20; Ivyak. 5:29) Ariko rero, arakwiye no kurimbura ibijanye no kuyobokera umugabo be no kugira ibitegereka. (Ef. 5:22-24; Flp. 4:5) Uwo mugabo yoba ariko amubuza kuja mu ndimiro, canke ariko amusaba gusa gukora ikindi kintu kuri uwo musi? Naho twihatira gukora ivyo Imana igomba no kugira ijwi ryo mu mutima ryiza, turakwiye kugira uburimbane.
26 RUHESHI–2 MUKAKARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZIRA 1-3
“Nureke Yehova agukoreshe”
Woba ubona ivyo Zekariya yabonye?
ABAYUDA bari banezerewe cane. Yehova yari ‘yakabuye impwemu ya Kuro umwami w’Ubuperesi’ kugira ngo arekure Abisirayeli bari bamaze imyaka mirongo mu bunyagano i Babiloni. Uwo mwami yaratangaje ko Abayuda bosubira mu gihugu cabo, ‘bagasubira kwubaka inzu ya Yehova Imana ya Isirayeli.’ (Ezr. 1:1, 3) Ese ukuntu iryo tegeko ryari riteye umunezero! Ivyo vyasigura ko Abayuda bosubiye gusengera Imana y’ukuri mu gihugu yari yarabahaye.
Imikogote n’urugori bidukingira
2 Zekariya yari azi ko Abayuda basubiye i Yeruzalemu bari bafise ukwizera. Bari baremeye guheba amazu yabo n’amatungo yabo kubera yuko ‘Imana y’ukuri yari yakabuye impwemu yabo.’ (Ezr. 1:2, 3, 5) Baravuye mu gihugu bari bamenyereye, baja mu gihugu abenshi muri bo batari bwigere bakubita ijisho. Iyaba batabona ko gusanura urusengero rwa Yehova bihambaye ntibari kwemera kugira urwo rugendo rugoye rw’ibilometero 1.600 baca mu gahinga.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezira
1:3-6. Cokimwe na bamwebamwe mu Bisirayeli bagumye i Babiloni, benshi mu Vyabona vya Yehova ntibashobora kwinjira mu busuku bw’igihe cose canke kuja gukorera ahakeneye gukorerwa kurusha ahandi. Yamara, barafata mu mugongo bakongera bakaremesha abashobora gukora umurimo w’igihe cose, bakanatanga intererano bavyishakiye kugira bateze imbere igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.