Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
4-10 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ESITERI 1-2
«Niwihatire kwifata ruto nka Esiteri»
Turashobora kuguma twifata ruto mu bihe bitoroshe
11 Gushemagizwa birenze urugero na vyo nyene birashobora kugeza ukwifata ruto kwacu. Rimbura ukuntu Esiteri yavyifashemwo igihe ibintu vyahinduka atari avyiteze. Esiteri yasa n’irirenga kandi yari amaze umwaka bamusiga ibintu bizimvye. Buri musi yaba ari kumwe n’izindi nkumi nyinshi zo mu Nganji yose y’Abaperesi, zahiganirwa gushimwa n’umwami. Ariko rero, we yagumye yisoneye kandi atekereje. Mbere n’igihe umwami yamucagura ngo amubere umwamikazi, ntiyigeze yishira hejuru canke ngo ashire isoni.—Est. 2:9, 12, 15, 17.
Yaraburaniye abasavyi b’Imana
15 Hageze ko Esiteri azanwa imbere y’umwami, yarahawe uburenganzira bwo gutora ikintu ico ari co cose yabona ko akeneye, kumbure kugira ngo yiryohore. Ariko, abigiranye ukwifata ruto, nta kindi yasavye uretse ivyo Hegayi yari yamubwiye. (Est. 2:15) Ashobora kuba yaratahura yuko ubwiza bwonyene butotumye umwami amugomwa be n’uko agatima ko kwifata ruto no kwicisha bugufi cari kuba ikintu c’imbonekarimwe aho ku kirimba. Yoba yarihenze?
Turashobora kuguma twifata ruto mu bihe bitoroshe
12 Kwifata ruto biratuma twama twambara rupfasoni, tukitunganya neza kandi tukagira inyifato ibereye. Turatahura ko tudakora abantu ku mutima mu kwiyemera canke mu gutuma badutangarira, ariko ko ari mu kugaragaza “umutima utekereje kandi witonda.” (Soma 1 Petero 3:3, 4; Yer. 9:23, 24) Nimba dufise ubwibone mu mutima, ntibizogenda bitigaragaje mu vyo dukora. Nk’akarorero, twoshobora kuvuga dukikiriza yuko dufise uduteka tudasanzwe, amakuru y’ibanga canke ko dufitaniye ubucuti budasanzwe n’abavukanyi bafise amabanga. Canke na ho, twoshobora gusigura ibintu turondera gusa kwiyitirira ivyiyumviro canke ibikorwa n’abandi bagizemwo uruhara. No ng’aha nyene, Yezu yaradusigiye akarorero keza igitangaza. Vyinshi mu vyo yavuga, wasanga ari ivyiyumviro yakura mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ivyo yabigirana ukwifata ruto, kugira ngo abamwumviriza bamenye ko yavuga ivyava kuri Yehova, aho kuvuga ivyo yigeneye.—Yoh. 8:28.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Wari ubizi?
Abo bashakashatsi barubuye igisomwa co mu nyandiko y’Abaperesi kivuga ibijanye n’umuntu yitwa Marduka (Morudekayi mu kirundi). Yari umutegetsi, bikaba bishoboka ko yari umunyabigega i Shushani. Uwitwa Arthur Ungnad, akaba ari umuhinga mu bijanye na kahise k’ibihugu vy’Abarabu, yavuze ko muri ico gihe “ico gisomwa ari co kindi kintu conyene cavuze ibijanye na Morudekayi, uretse Bibiliya.”
Kuva Ungnad avuze ivyo, abashakashatsi barahinduye mu zindi ndimi ibisomwa ibihumbi n’ibihumbi vyo mu nyandiko y’Abaperesi. Muri ivyo, harimwo ibisate vy’ibumba vyubuwe mu bisigarira vy’igisagara ca Persépolis. Babisanze ahahoze ubushinguro hafi y’impome z’ico gisagara. Ivyo bisate ni ivyo kuva ku ngoma ya Zeruzi wa mbere. Biri mu rurimi rw’iki elamu, bikaba birimwo amazina menshi avugwa mu gitabu ca Esiteri.
Ibisate vy’i Persépolis bitari bike biravuga ibijanye n’uwitwa Marduka yari umwanditsi ku kirimba c’i bwami i Shushani, ku ngoma y’Umwami Zeruzi wa mbere. Kimwe muri ivyo bisate kivuga ko Marduka yari umuhinduzi. Ico kintu kirahuza n’ivyo Bibiliya ivuga kuri Morudekayi. Yari umutegetsi yakorera ku kirimba c’Umwami Ahasuwerusi (Zeruzi wa mbere) kandi akaba yavuga n’imiburiburi indimi zibiri. Morudekayi yama yicaye mw’irembo ry’umwami ryo ku kirimba i Shushani. (Est. 2:19, 21; 3:3) Iryo rembo ryari rinini cane kandi ryakoreramwo abakozi bo ku kirimba.
Marduka avugwa muri ivyo bisate be na Morudekayi avugwa muri Bibiliya, hariho ibintu bihambaye bahuriyeko. Babayeho mu gihe kimwe no mu kibanza kimwe, kandi bari abategetsi bakoreye ahantu hamwe. Ayo masano yose yerekana ko ivyo bintu abacukuzi bubuye bishobora kuba vyerekeza kuri Morudekayi avugwa mu gitabu ca Esiteri.
11-17 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ESITERI 3-5
«Nufashe abandi bakore ivyo bashoboye vyose»
it-2 345 ing. 5
Morudekayi
Yaranse kwunamira Hamani. Inyuma y’ivyo, Ahasuwerusi yaragize Hamani Umwagagi umushikiranganji wa mbere, yongera ategeka ko abantu bose bari kw’irembo ry’i bwami bikubita imbere ya Hamani kubera yashizwe hejuru. Morudekayi yaranse rwose gukora ico kintu mu kwerekana ko ari Umuyuda. (Est 3:1-4) Kuba Morudekayi yishimikije iyo mvo birerekana ko ukwo kwanka kwari gufitaniye isano n’ubucuti afitaniye n’Imana yiwe Yehova, iyo yari yariyeguriye nk’Umuyuda. Yari azi ko kwikubita imbere ya Hamani kwarimwo n’ibindi uretse kwunamira umuntu yashizwe hejuru, nk’uko Abisirayeli babikoze muri kahise mu kwerekana ko uwo muntu ari umukuru afise ikibanza kiri hejuru. (2Sm 14:4; 18:28; 1Bm 1:16) Ku vyerekeye Hamani, Morudekayi yari afise imvo yumvikana yo kutamwunamira. Hamani ashobora kuba yari Umumaleki, Yehova na we akaba yari yaravuze ko yorwanye n’Abamaleki «uko urunganwe rwabo rwogiye rurakurikirana.» (Kv 17:16; raba HAMÂN.) Kuri Morudekayi, ico nticari ikibazo kijanye n’ivya politike ahubwo cari kijanye no kudahemuka ku Mana.
it-2 345 ing. 7
Morudekayi
Yarakoreshejwe mu kurokora Isirayeli. Igihe Morudekayi yamenya ko hatanzwe itegeko ryo guherengeteza Abayuda bose bo muri iyo nganji, yarerekanye ko yizera yuko icatumye Esiteri agirwa umwamikazi ico gihe kwari kugira ngo arokore Abayuda. Yareretse Esiteri ibanga riremereye yari afise maze aca amusaba gutakambira umwami ngo abafashe. Naho ivyo vyari gutuma ahasiga ubuzima, Esiteri yaremeye kubikora.—Est 4:7–5:2.
Yaraburaniye abasavyi b’Imana
22 Esiteri ashobora kuba yarahagaritse umutima aho yumviye ubwo butumwa. Ukwizera kwiwe kwari kugiye kwagezwa koko. Yaragize ubwoba, nk’uko yabihishuye mu nyishu yarungikiye Morudekayi. Yaramwibukije itegeko ry’umwami ryavuga yuko umuntu aramutse aserutse imbere y’umwami atatumweko yaca yicwa. Umwami amutunze agakoni k’ubutware kiwe k’inzahabu ni ho gusa aticwa. Esiteri yoba yari afise imvo yo kwitega yuko agirirwa ubwo buntu, na canecane uravye ivyari vyarashikiye Vashiti igihe yanka kurenguka igihe umwami yamutumako? Esiteri yabwiye Morudekayi yuko hari haciye imisi 30 umwami atamuhamagaye ngo yinjire aho ari! Ivyo vyatuma agira imvo nyinshi zo kwiyumvira ko uwo mwami atari akimushima, uno akaba inyiyumvo ziwe zahinduka bukwi na bukwi.—Est. 4:9-11.
23 Morudekayi yarishuye Esiteri ata gucisha ku ruhande kugira akomeze ukwizera kwiwe. Yamubwiye ko hamwe atogira ico akoze, ubukiriro bw’Abayuda bwobonetse buvuye ahandi. Mugabo Esiteri ntiyari kwitega kurokoka hamwe uruhamo rwobaye rumaze gukomera. Muri ubwo buryo, Morudekayi yarerekanye ko yizera cane Yehova, we atokwigeze yemera ko abasavyi biwe baherengetezwa, n’imigambi yiwe igapfa. (Yos. 23:14) Morudekayi yaciye abaza Esiteri ati: “Hari uwuzi ko icatumye ushikira icubahiro c’ubwamikazi atoba ari ukugira uhaseruke mu gihe nk’iki?” (Est. 4:12-14) None Morudekayi ntabereye ko tumwigana? Yarizigira Imana yiwe Yehova agaherezako. Natwe kwoba ari ukwo?—Imig. 3:5, 6.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Turwanira umwidegemvyo wo gusenga
14 Cokimwe na Esiteri na Morudekayi ba kera, muri iki gihe abasavyi ba Yehova bararwanira umwidegemvyo wo gusenga Yehova nk’uko yategetse. (Est. 4:13-16) Woba ushobora kugira uruhara muri urwo rugamba? Cane nyene. Urashobora kwama usabira abo musangiye ukwizera bariko barenganywa mu vy’amategeko. Amasengesho nk’ayo arashobora gufasha cane bene wacu na bashiki bacu bari mu ngorane no mu ruhamo. (Soma Yakobo 5:16.) Yehova yoba yishura ayo masengesho? Intsinzi dutahukana mu masentare zirerekana ko ayishura!—Heb. 13:18, 19.
18-24 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ESITERI 6-8
«Icigwa mu bijanye no kuyaga neza»
Yakoranye ubukerebutsi, ubutwari, ata bwikunzi
15 Kubera ko Esiteri yagumye yihanganye arindiriye ko uwundi musi ushika ngo agire ico asavye umwami, Hamani yarahawe umwanya wo kwiyimbira icobo. N’ikindi kandi, nta wuzi ko Yehova Imana atari we yari yatumye umwami abura itiro. (Imig. 21:1) Ntibitangaje rero kubona Ijambo ry’Imana rituremesha ‘kurindira.’ (Soma Mika 7:7.) Turindiriye Imana, twoshobora gusanga umuti itoreye ingorane zacu urengeye kure n’iyo ikintu ico ari co cose twari gushobora kwiyumvira.
Yaravuganye ubutwari
16 Esiteri ntiyabandanije kugeza ukwihangana kw’umwami; ku nzimano igira kabiri yari yateguye, yategerezwa kuvuga vyose. Ariko gute? Umwami yaramuhaye akaryo ko kubigira mu gusubira kumubaza ico agomba. (Est. 7:2) “Igihe co kuvuga” ca Esiteri cari gishitse.
Yakoranye ubukerebutsi, ubutwari, ata bwikunzi
17 Niwihe ishusho Esiteri ariko atura Imana yiwe isengesho mu gacerere imbere yo kuvuga aya majambo: “Nimba ngize ubutoni mu maso yawe ga mwami, kandi nimba umwami abona vy’ukuri ko ari vyiza, ngomba yuko ubuzima bwanje burokorwa, ngasaba kandi yuko igisata canje kiticwa.” (Est. 7:3) Urabona ko yakuye amazinda umwami yuko yubaha ingingo afata ku bijanye n’ico abona ko kibereye. Ese ukuntu Esiteri yari atandukanye na Vashiti, wa mugore yahoze ari uw’umwami, umwe yari yaratetereje nkana umugabo wiwe! (Est. 1:10-12) Vyongeye, Esiteri ntiyanebaguye umwami kubera ukuntu yakoranye ubupfu mu kwizigira Hamani. Ahubwo riho, yaringinze umwami ngo amukingire akaga kari kageramiye ubuzima bw’uwo mwamikazi.
Yakoranye ubukerebutsi, ubutwari, ata bwikunzi
18 Ico kintu Esiteri yasavye, vy’ukuri carakoze ku mutima umwami congera kiramutangaza. Uwo ni nde yari kwubahuka kugeramira umwamikazi wiwe? Esiteri yabandanije ati: “Twa[ra]gurishijwe, twe n’igisata canje, kugira tuzimanganywe, twicwe, turandurwe. Iyo tuba twagurishijwe kugira tube abashumba n’abasukukazi gusa, mba nanumye. Mugabo ayo marushwa ntabereye mu gihe bituma umwami ahomba.” (Est. 7:4) Urabona ko Esiteri yashize ahabona ingorane adacisha ku ruhande, yamara akongerako yuko yari kwinumira iyo baba bageramiwe gusa no kugirwa abashumba. Ariko rero, kubera ko iryo honyabwoko ryari gutuma umwami ubwiwe ahahombera cane, Esiteri ntiyari gushobora kuguma anumye.
19 Akarorero ka Esiteri karatwigisha vyinshi ku bijanye n’ubuhanga bwo kujijura. Hamwe vyoshika ugakenera kuyagira ingorane ikomeye uwawe canke mbere umuntu afise ubukuru, kwihangana, kugaragaza icubahiro no kuvuga udacisha ku ruhande birashobora kugufasha cane.—Imig. 16:21, 23.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Esiteri
7:4—Ni gute uguherengeteza Abayuda vyari “kwononera umwami” (NW)? Esiteri, mu kwerekeza akoresheje ubugenge ku vy’uko Abayuda bashobora kugurishwa ngo babe abaja, yaraseruye ivy’uko guhonya Abayuda vyokwononeye umwami. Intete 10.000 z’ifeza Hamani yari yarasezeranye gutanga, nta ho zari zihuriye n’ubutunzi bwobonetse bukaja mu bubiko bw’umwami iyo Hamani aza kugira umugambi wo kugurisha Abayuda ngo babe abaja. Uwo mugambi wa Hamani iyo uramuka uranguwe, umwamikazi na we nyene ntiyari gusigara.
25 NYAKANGA–1 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ESITERI 9-10
«Yakoresheje ubukuru bwiwe ata bwikunzi»
it-2 346 ing. 1
Morudekayi
Morudekayi ni we yasubiriye Hamani aba umushikiranganji wa mbere kandi aronka impeta y’ikidodo y’umwami kugira atere ikidodo ku nzandiko zo muri iyo nganji. Esiteri yarajeje Morudekayi inzu ya Hamani, iyo umwami yari yahaye Esiteri. Morudekayi rero yaciye akoresha uburenganzira yahawe n’umwami mu gusohora itegeko rivuguruza iryari ryatanzwe kugira Abayuda baronke uburenganzira bwo kwigwanira. Ku Bayuda ivyo vyasobanura ukurokoka n’umunezero. Abantu benshi bo muri iyo Nganji y’Ubuperesi barifatanije n’Abayuda. Igihe hagera ku wa 13 w’ukwezi kwa Adari, akaba ari wo musi w’uko ayo mategeko akurikizwa, Abayuda bari biteguye. Abakozi bo ku kirimba barabashigikiye kubera ubukuru bwa Morudekayi. I Shushani, intambara yarabandanije n’uwundi musi. Abansi b’Abayuda barenga 75.000 bo mu Nganji y’Ubuperesi barishwe, hakaba harimwo n’abahungu cumi ba Hamani. (Est 8:1–9:18) Esiteri amaze kuvyemeza, Morudekayi yarashinze ko hoza haraba umusi mukuru buri mwaka ku wa 14 na 15 w’ukwezi kwa Adari, witwa «imisi ya Purimu,» kugira ngo banezerwe, batereke inzimano, bahanahane ingabirano bongere bazihe n’abakene. Abayuda baravyemeye kandi bashinga ko ababakomokako hamwe n’abifatanya na bo bahimbaza uwo musi mukuru. Morudekayi kubera ko yari uwugira kabiri muri iyo Nganji, yarubahwa n’ihanga ry’Abayuda ryiyeguriye Imana kandi yabandanije gukora ku neza yabo.—Est 9:19-22, 27-32; 10:2, 3.
it-2 628 ing. 4
Purimu
Intumbero. Naho hari abantu bamwebamwe bavuga ko Umusi mukuru wa Purimu Abayuda bahimbaza muri iki gihe udahengamiye cane kw’idini, kandi ko rimwe na rimwe habamwo ibintu vyo kurenza urugero, ukwo si ko vyari biri igihe watangura guhimbazwa mu ntango. Morudekayi na Esiteri bari abasavyi b’Imana y’ukuri Yehova, kandi uwo musi mukuru wari washizweho ngo utere iteka Yehova. Ukurokorwa kw’Abayuda bagukesheje Yehova Imana, kubera ko ico kibazo cavyutse bivuye ku kudahemuka kwa Morudekayi mu bijanye no gusenga Yehova wenyene. Hamani ashobora kuba yari Umumaleki, iryo rikaba ryari ihanga Yehova yari yaravumye akavuga ko rizorandurwa. Morudekayi yarubashe itegeko ry’Imana maze aririnda kwunamira Hamani. (Est 3:2, 5; Kv 17:14-16) N’ikindi kandi, amajambo Morudekayi yabwiye Esiteri (Est 4:14) yerekana ko yari yiteze ububasha buva hejuru bwo kurokora Abayuda, kandi ukwisonzesha kwa Esiteri imbere yo kurenguka imbere y’umwami kugira asabe ca kintu ca mbere, ni ukuvuga gutumira umwami ku nzimano, vyarerekanye ko arondera gufashwa n’Imana.—Est 4:16.
“Niwigane Imana” mu kuntu ukoresha ububasha
12 Yehova yaratanze abahagarikizi bo kutuyobora mw’ishengero rya gikirisu. (Abaheburayo 13:17) Abo bagabo bakwije ibisabwa babwirizwa gukoresha ubukuru bahawe n’Imana kugira batange imfashanyo ikenewe be no kugira bafashe umukuku ngo umererwe neza mu vy’impwemu. Mbega none ikibanza abakurambere bafise coba kibaha uburenganzira bwo gutwaza amanyama abo basangiye ukwizera? Habe n’intete! Abakurambere barakeneye kubona ibintu ku rugero kandi bicishije bugufi ku vyerekeye uruhara bafise mw’ishengero. (1 Petero 5:2, 3) Bibiliya ibwira abacungezi iti: «Muragire ishengero ry’Imana. Yariguze amaraso y’Umwana wayo bwite.» (Ivyakozwe 20:28) Iyo ni imvo ikomeye yotuma umwe wese mu mukuku bamufatana ikibabarwe.
13 Twoshobora kubitangira akarorero muri ubu buryo: Umugenzi somambike agusavye kumuzigamira ikintu ciwe akunda cane. Urazi yuko uwo mugenzi wawe ico kintu camuzimvye rwose. Mbega none ntiwogifatana ukwengenga kwinshi, ukacitwararika cane? Nk’ukwo nyene, Imana yajeje abakurambere ibanga ryo kwitwararika ikintu c’agaciro koko, ico na co kikaba ari ishengero rigizwe n’abantu bagereranywa n’intama. (Yohani 21:16, 17) Mu vy’ukuri, intama za Yehova arazikunda rwose, ku buryo yaziguze amaraso y’igiciro y’Umwana wiwe w’ikinege Yezu Kristu. Nta kindi giciro kiruta ico kiriho Yehova yotanze. Abakurambere bicisha bugufi baramiza ivyo mu mizirikanyi, maze intama za Yehova bakazitaho babigiranye urukundo.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Esiteri
9:10, 15, 16—Naho itegeko ryari ryatanzwe ryarekura ivy’ugusahura, ni kubera iki Abayuda birinze gukora ico kintu? Kwanka gusahura vyarerekanye neza ko intumbero bari bafise yari iyo kwikingira, itari iyo kwironderera amatungo.
2-8 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 1-3
«Nubandanye kwerekana ko ukunda Yehova cane»
Niwigane ukwizera n’ukugamburuka kwa Nowa, Daniyeli na Yobu
16 Ingorane zashikiye Yobu. Ubuzima bwa Yobu bwarahindutse cane. Atarashikirwa n’ivyago yari “uwuhambaye kuruta Abanyabuseruko bose.” (Yobu 1:3) Yari atunze, azwi kandi yarubahwa cane. (Yobu 29:7-16) Ivyo vyari gushobora gutuma yishira hejuru canke abona ko adakeneye Imana, ariko si ko yabigize. Nkako Yehova yamwise ngo “umusavyi wanje,” avuga kandi ko “ari umuntu atagirako umugayo kandi agororotse, atinya Imana kandi agaca kure ikibi.”—Yobu 1:8.
17 Mu kanya gato, ubuzima bwa Yobu bwarahindutse bimwe bikomeye. Yarashikiwe n’ubukene butagira izina be n’ukwihebura. Turazi ko ivyo vyavuye kuri Shetani, uwagirije Yobu ko asenga Imana kubera ubwikunzi. (Soma Yobu 1:9, 10.) Yehova ntiyirengagije ico kirego. Ahubwo yarahaye Yobu akaryo ko kugaragaza ugutungana kwiwe, kugira yerekane ko adasenga Imana abitumwe n’ubwikunzi.
Nugumane ugutungana kwawe!
10 Shetani aragiriza ivyo binyoma nyene umwe wese muri twebwe. Uti gute? Mu bisanzwe, avuga ko udakunda Yehova vy’ukuri, ko utazobandanya umukorera ushikiwe n’ivyago be n’uko ugutungana kwawe ari ukw’ikinyoma. (Yobu 2:4, 5; Ivyah. 12:10) Ivyo bituma wiyumva gute? Birakubabaza cane, si ko? Ariko rero zirikana iki kintu: Yehova arakwizigira cane ku buryo yemerera Shetani kugerageza ugutungana kwawe. Yehova arizigira adakeka ko ushoboye kugumana ugutungana kwawe maze ukerekana ko Shetani ari umubeshi. Vyongeye, agusezeranira kugufasha kubishitsa. (Heb. 13:6) Ese ukuntu ari agateka kwizigirwa na Segaba w’ibiriho vyose! Woba ubona rero igituma ugutungana guhambaye cane? Kuraturonsa akaryo ko gushira ahabona ibinyoma vya Shetani maze tugashigikira ubusegaba bwa Yehova tukongera tukeza izina ryiwe. None twotsimbataza gute iyo kamere idasanzwe?
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ivyo twigira ku majambo ya nyuma Yezu yavuze
9 Yezu yavuze iki? Hasigaye gatoyi ngo Yezu acikane, yarasemereye ati: “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye.” (Mat. 27:46) Bibiliya ntisigura igituma Yezu yavuze gutyo. Naho ari ukwo, reka turabe ivyo twigira kuri ayo majambo. Kimwe coco, mu kuvuga ayo majambo Yezu yariko arashitsa ubuhanuzi dusanga muri Zaburi 22:1. N’ikindi kandi, ayo majambo arerekana ko Yehova atari yashizeho ‘uruzitiro rukingira’ Umwana wiwe. (Yobu 1:10) Yezu yaratahura ko Se wiwe yari yaretse ngo ageragezwa n’abansi biwe, ku rugero ata muntu n’umwe yari bwigere ashikanako. Vyongeye, ayo majambo yaremeza ko ata kibi na kimwe yari yakoze cari gutuma yicwa.
9-15 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 4-5
«Uraba maso ku makuru y’ikinyoma»
it-1 725 ing. 17
Elifazi
2. Umwe mu bagenzi batatu ba Yobu. (Yb 2:11) Umutemani, ashobora kuba akomoka kuri Esawu, vyumvikana rero ko yakomoka kuri Aburahamu akaba n’incuti ya kure ya Yobu. We n’uruvyaro rwiwe bariratiye ubukerebutsi bwabo. (Yr 49:7) Muri abo batatu bitwa ko baje kumuhoza, Elifazi yaboneka nk’uwuhambaye kandi azi kuvuga neza, bigatanga iciyumviro c’uko ari we ashobora kuba yarusha abandi imyaka. Ni we aza arafata ijambo ubwa mbere muri abo batatu, kandi amajambo yiwe aba menshi gusumba ay’abandi.
Nurwanye ivyiyumviro bitari vyo!
Igihe Elifazi yibuka ikintu kidasanzwe cigeze kumushikira, yavuze ati: “Impwemu zihita imbere yanje, ubgoya bgo ku mubiri wanje buramerereza. Haca haboneka ikintu gihagaze, ariko sinashobora kwihweza uko casa; hār’ishusho imbere y’amaso yanje: habah’agacerere, maze numva ijwi rivuga” (Yobu 4:15, 16). Ni mpwemu nyabaki yari yoheje ivyiyumviro vya Elifazi? Amajambo yumvikanamwo ugutyoza yakurikiye, arerekana ko iyo mpwemu itegerezwa kuba itari umwe muri ba bamarayika bagororotse b’Imana (Yobu 4:17, 18). Cari ikiremwa c’impwemu c’ikibisha. Iyo bitaba ari vyo, wumva none Yehova yari guhambarira Elifazi hamwe na bagenziwe babiri abahoye ko bavuze ibinyoma (Yobu 42:7)? Egome, Elifazi yakoreshwa n’idayimoni. Ivyo yavuze vyerekanye ko ivyiyumviro vyiwe bitava ku Mana.
Nurwanye poropagande ya Shetani
Shetani yarakoresheje Elifazi, umwe mu bagenzi batatu ba Yobu bari baje kumuraba, kugira ngo avyure ibihari ku vy’uko abantu bafise intege nke rwose. Mu kuvuga abantu ko “baba mu nzu z’ibumba,” yabwiye Yobu ati: “Amatanguriro [yabo ari] mu mukungugu, bahonyoreka nk’inyenzi. . . . Hagati y’igihe c’igitondo n’umugoroba baravunagurwa: Bapfa akagīrīre, ntihagire ūbishirak’umutima.”—Yobu 4:19, 20.
Hariho n’ahandi mu Vyanditswe tugereranywa n’ “inzavya z’ivu,” ni ukuvuga inkono zoroshe kumeneka zikozwe mw’ibumba. (2 Kor. 4:7) Turi abanyantege nke kubera igicumuro be n’agasembwa twarazwe. (Rom. 5:12) Hamwe twoba tutagira uwudufasha, twobangamirwa n’ibitero vya Shetani. Mugabo kubera yuko turi abakirisu, turafise ikidufasha. Naho turi abanyantege nke, turi n’agaciro mu nyonga z’Imana. (Yes. 43:4) Vyongeye, Yehova araronsa impwemu nyeranda abayimusaba. (Luka 11:13) Impwemu yiwe irashobora kuturonsa “ububasha burengeye ubusanzwe,” bukadufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zose Shetani yoduteza. (2 Kor. 4:7; Flp. 4:13) Nitwarwanya wa Mubesheranyi, “[d]ukomeye mu kwizera,” Imana izotuma dushikama yongere idukomeze. (1 Pet. 5:8-10) Ni co gituma tudakwiye gutinya Shetani wa Mubesheranyi.
Niwirinde amakuru y’ikinyoma
▪ Nusuzume isoko ryayo n’ivyo avuga
Ico Bibiliya ivuga: «Musuzume ibintu vyose, mwumire ku vyiza.»—1 Abatesalonika 5:21.
Imbere y’uko wemera inkuru canke uyirungikira uwundi, naho yoba iriko iravugwa cane canke iguma isubirwamwo mu makuru, nusuzume ko ari iy’ukuri. Kubera iki?
Nurabe ko isoko ryayo ari iryo kwizigirwa. Amashirahamwe yo kumenyesha amakuru be n’ayandi mashirahamwe arashobora kugoreka inkuru kubera inyungu zabo canke ivya politike. Nugereranye ivyo ubonye mu kinyamakuru kimwe n’ivyo mu yandi masoko. Rimwe na rimwe, abagenzi boshobora kukurungikira amakuru y’ikinyoma mu ma mesaje canke bakayashira ku mbuga hwaniro utabibasavye. Ku bw’ivyo rero, ntupfe kwemera amakuru kiretse usuzumye iyo yaje ava.
Nurabe neza ko ivyo avuga ari ivya vuba kandi ko ari ukuri. Nurabe amatariki, ivyerekana ko ari vyo, n’ibimenyamenya bifadika bishigikira ibiriko biravugwa. Uriyubara canecane igihe ari amakuru akomeye asa n’aho ariko afatwa mu buryo busanzwe canke nimba ayo makuru yagenewe gutuma umuntu agira ico avuze.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Guma ushikamye kandi utahukane intsinzi muri kwa gusiganirwa ubuzima
Kuba turi mw’ishirahamwe rikwiye kw’isi yose ry’abasenga b’ukuri ni ikintu gikomeye gishobora gutuma dutekanirwa. Ese ingene ari umuhezagiro kwifatanya n’ikivukano nk’ico kirangwa urukundo, gikwiye ku mubumbe wose (1 Petero 2:17)! Na twebwe turashobora gutuma abo dusangiye ukwizera batekanirwa.
Rimbura ibikorwa ngirakamaro vya wa mugabo Yobu w’umugororotsi. Mbere na wa mwiruzi w’uruhendo Elifazi yategerejwe kwemera ibi: “Amajambo yawe yaramira uwarikw aratemba, kandi wagumisha amavi aregarega” (Yobu 4:4). Tweho ivyo twoba tubigira? Umwe wese muri twebwe arafise ibanga ryo gufasha abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu kubandanya mu murimo w’Imana. Mu vyo tugirana na bo, turashobora gukora duhuje n’aya majambo: “Mukomeze amaboko areganutse, mugumishe amavi aregarega” (Yesaya 35:3). Kubera iki none gukomeza no kuremesha umukirisu mugenzawe umwe canke babiri igihe cose mubonanye utobigira ryo hangiro ryawe (Abaheburayo 10:24, 25)? Amajambo asubiriza umutima mu nda yo gukeza no gukenguruka utwigoro baguma bagira kugira bahimbare Yehova, arashobora vy’ukuri kubafasha kuguma bashikamye, bafise icizigiro co gutahukana intsinzi muri kwa gusiganirwa ubuzima.
16-22 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 6-7
«Igihe wumva ko bigoye cane kwihangana mu buzima»
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu
7:1; 14:14—Imvugo ngo “intambara [“igikorwa c’agahato”, NW]” ishaka kuvuga iki? Amarushwa Yobu yarimwo yari akomeye ku buryo yabonye ko ubuzima bumeze nk’intambara canke igikorwa c’agahato kigoye kandi kiruhisha cane (Yobu 10:17, NW, akajambo k’epfo). N’ikindi kandi, kubera ko igihe umuntu amara muri Sheoli, ni ukuvuga kuva apfuye gushika azutse, ari ikiringo acamwo bitavuye ku gushaka kwiwe, Yobu yakigereranije n’igikorwa c’agahato.
‘Yehova arakiza abacitse intege’
VYOSHIKA tukiyumvira ibijanye n’ukuntu ubuzima bwacu ari bugufi, kandi “[bwu]zuye umudugararo.” (Yobu 14:1) Birumvikana rero ko rimwe na rimwe dushobora gucika intege. N’abasavyi ba Yehova batari bake bo mu bihe vya kera, na bo nyene vyarabashikiye. Hari mbere n’abipfuje gupfa. (1 Abm. 19:2-4; Yobu 3:1-3, 11; 7:15, 16) Ariko rero incuro n’izindi, Yehova ya Mana bizigira yarabahumurije yongera irabakomeza. Inkuru ziberekeye zaranditswe kugira ngo ziduhoze zongere zitwigishe.
Igihe wumva warambiwe n’ubuzima
Naho nyene woshobora kubona umenga ivyawe vyifashe nabi cane, uribuka yuko uri mu bandi be n’uko abantu nka bose bariko baranyinyana n’ingorane yinaka muri iki gihe, ico kikaba ari ikintu kibabaje. Bibiliya ivuga iti: “Ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe.” (Abaroma 8:22) Naho mu ntango woshobora kubona umenga ingorane yawe ntizokwigera itorerwa umuti, akenshi ibintu birarushiriza kumera neza uko haca igihe. Mu kurindira ko bimera neza, ni igiki coba kiragufasha?
Niwiture umugenzi ahumuye kandi wizigiye. Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imigani 17:17) Wa mugabo w’umugororotsi Yobu avugwa muri Bibiliya yaraseruriye abandi akari ku mutima igihe yari mu mubabaro mwinshi. Igihe yiyumvamwo ico yise ngo ni ‘ugushishwa n’ubuzima bwiwe,’ yavuze ati: “Nzosuka amaganya yanje y’ibinyerekeye. Nzovuga ndundumiwe mu mutima!” (Yobu 10:1) Kwitura abandi birashobora kugabanya umubabaro ufise, kandi vyoshobora gutuma ubona mu bundi buryo ingorane ziriko ziragushikira.
Nusuke ibiri mu mutima wawe imbere y’Imana mw’isengesho. Hari abiyumvira ko isengesho ari ikintu gusa abantu bishiramwo ko gishobora kubafasha, mugabo Bibiliya yo si uko ibibona. Muri Zaburi 65:2 havuga yuko Yehova Imana ‘yumva amasengesho,’ muri 1 Petero 5:7 na ho hakavuga yuko ‘ababara’ abantu. Bibiliya irashimika akatari gake ku kamaro ko kwiheka ku Mana. Nk’akarorero:
“Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.”—IMIGANI 3:5, 6.
“Icipfuzo c’abamutinya azogishitsa, kandi azokwumva ugutabaza kwabo, abakize.”—ZABURI 145:19.
“Uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.”—1 YOHANI 5:14.
“Yehova ari kure y’ababisha, mugabo yumva isengesho ry’abagororotsi.”—IMIGANI 15:29.
Niwabwira Imana ingorane ufise, izogufasha. Ni co gituma Bibiliya ituremesha iti: “Nimuyizigire ibihe vyose . . . Imbere yayo nimusuke umutima wanyu.”—Zaburi 62:8.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Nubumvirize, ubamenye, kandi ubagaragarize impuhwe
10 Turashobora kwigana Yehova mu kurondera gutahurana. Nurondere kumenya neza abavukanyi na bashiki bacu. Nubayagishe imbere y’amakoraniro n’inyuma yayo, mukorane mu ndimiro, kandi nimba bishoboka ubatumire musangire udufungurwa. Ubigenjeje gutyo, wotangara usanze mushiki wacu asa n’uwikumira mu vy’ukuri ari umunyamasoni, umuvukanyi wibaza ko akunda amaronko usanze ari umwakiranyi, canke abagize umuryango bama bacererwa ku makoraniro ugasanga babitumwa n’uko bari mu ruhamo. (Yobu 6:29) Ego ni ko, ntidukwiye ‘kwita mu vy’abandi.’ (1 Tim. 5:13) Ariko rero, birabereye ko tumenya ivyerekeye abavukanyi na bashiki bacu, be n’ivyo baciyemwo vyatumye bamera uko bameze.
23-29 GITUGUTU
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 8-10
«Urukundo rudahemuka rw’Imana ruradukingira ibinyoma vya Shetani»
Guhimbara Imana vyoba bishoboka?
Yobu yarahuye n’ingorane nyinshi atatahura igituma zimushikira. Yarihenze, bituma yiyumvira ko naho yagumye yizeye Imana, yoyo itari ibinezwe. (Yobu 9:20-22) Yobu yaremeza ashikamye ko ari umugororotsi ku buryo abandi babona ko ariko yigira umugororotsi kuruta Imana.—Yobu 32: 1, 2; 35:1, 2.
Twungukira gute ku rukundo rudahemuka rwa Yehova?
14 Urukundo rudahemuka rw’Imana ruradukingira mu buryo bw’impwemu. Igihe kimwe Dawidi yasenze Yehova ati: “Uri ubwihisho bwanje; uzonzigama unkize amarushwa. Uzonkikuza akamo k’umunezero, ako umuntu yiha iyo arokowe . . . . Uwizigira Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo ni bwo bumukikuza.” (Zab. 32:7, 10) Kurya nyene impome zari zikikuje igisagara ca kera zakingira abakibamwo, ni ko Yehova adukikuza urukundo rudahemuka rwiwe, rukadukingira ibintu vyose vyokwonona ubucuti dufitaniye na we. Vyongeye, urukundo rudahemuka rwa Yehova ruratuma atwiyegereza.—Yer. 31:3.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
“Ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova?”
19 Ni ibiki twize ku bijanye n’ “umuzirikanyi wa Yehova”? Turakeneye kureka Ijambo ry’Imana rikadufasha gutahura umuzirikanyi wa Yehova mu buryo butarimwo amakosa. Ntidukwiye kwigera dutora amahinyu Yehova dufatiye ku kuntu tubona ibintu mu buryo buri n’aho bugarukira, ku ngingo twishingira, no ku kuntu twiyumvira. Yobu yavuze ati: “[Imana si] umuntu nkanje ngo ndayishure, ngo tuzanane mu ntahe.” (Yobu 9:32) Cokimwe na Yobu, igihe dutanguye gutahura umuzirikanyi wa Yehova turavyurirwa umutima wo kuvuga duti: “Raba! Utwo ni udusunwa tw’inzira zayo, vyongeye, ese ingene ivyo twumva ku biyerekeye ari utwongoshwe gusa! Ariko umuturagaro wayo ukomeye, ni nde yokwerekana ko awutegera?”—Yobu 26:14.
20 Igihe dusoma Ivyanditswe, dukwiye gukora iki mu gihe dushitse ku murongo ugoye gutahura, na canecane ku bijanye n’ukuntu Yehova yiyumvira? Mu gihe tumaze kugira ubushakashatsi kuri ico kintu, mugabo tukaba tutararonka inyishu itomoye, ivyo turashobora kubibona nk’ikintu kigeza ukwizigira Yehova kwacu. Uribuka yuko rimwe na rimwe amajambo amwamwe aduha akaryo ko kwerekana yuko twizigira uburyo bwose kamere za Yehova zigaragariramwo. Nimuze twemere twicishije bugufi yuko tudatahura ikintu cose Yehova akora. (Umus. 11:5) Gutyo, tuzokwihutira kwemera aya majambo intumwa Paulo yavuze ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora! Kuko ‘ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova, canke ni nde yabaye umujanama wiwe?’ Canke, ‘Ni nde yabanje kumuha, kugira ngo bibe ngombwa ko avyishurwa?’ Kubera ko vyose biriho bivuye kuri we, bigizwe na we, no ku bwiwe. Ubuninahazwa bube ubwiwe ibihe vyose. Amen.”—Rom. 11:33-36.
30 GITUGUTU–5 MUNYONYO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 11-12
«Uburyo butatu bwo kuronka ubukerebutsi no kubwungukirako»
Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
17 Ni igiki cafashije Yobu kugumana ugutungana kwiwe? Bigaragara ko imbere y’uko ivyago bimushikira, yari yaratsimbataje ubucuti bwa hafi na Yehova. Naho ata kimenyamenya na kimwe dufise c’uko Yobu yoba yari azi ko Shetani yari yaraharirije Yehova, we yari yiyemeje kuguma ari intahemuka. Yavuze ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana kwanje.” (Yobu 27:5) None Yobu yatsimbataje gute ubwo bucuti bwa hafi? Ata gukeka, yarafatana uburemere ivyo yari yarumvise ku bijanye n’ivyo Imana yari yaragiranye na Aburahamu, Izahaki be na Yakobo, bano bakaba bari incuti ziwe za kure. Vyongeye, biciye ku kwihweza ivyaremwe, Yobu yarashoboye kuzirikana kuri kamere nyinshi za Yehova.—Soma Yobu 12:7-9, 13, 16.
Nturi wenyene, kuko Yehova yama ari kumwe nawe
10 Nugiranire ubugenzi n’abakirisu b’abizigirwa. Nurondere abagenzi mw’ishengero ushobora kugira ivyo ubigiyeko, mbere n’aho mwoba mutanganya imyaka canke mudahuje imico. Bibiliya itwibutsa ko ubukerebutsi ‘buri mu basaza.’ (Yobu 12:12) Abitereye mu myaka na bo nyene barashobora kugira ibitari bike bigiye ku bakiri bato b’abizigirwa. Naho Dawidi yari muto cane kuri Yonatani, nticabujije ko bagiranira ubugenzi somambike. (1 Sam. 18:1) Dawidi na Yonatani barafashanije gukorera Yehova naho bari mu ngorane zikomeye. (1 Sam. 23:16-18) Mushiki wacu yitwa Irina, akaba ari we wenyene ari Icabona mu muryango iwabo, avuga ati: “Abo dusangiye ukwizera barashobora kutubera nk’abavyeyi canke abo tuvukana. Yehova arashobora kubakoresha bakatubera nk’abo mu muryango.”
11 Kurondera abagenzi usanga bitoroshe, na canecane iyo uri umunyamasoni. Mushiki wacu umwe w’umunyamasoni yitwa Ratna, akaba yize ukuri bamurwanya, avuga ati: “Nahavuye mbona ko nari nkeneye gufashwa no gushigikirwa n’umuryango w’abo dusangiye ukwemera.” Kwiganira uwundi muntu uko umerewe vyoshobora kutoroha. Ariko kubigira ni vyo bituma mugiranira ubugenzi somambike. Abagenzi baripfuza kukuremesha no kukuba hafi, ariko barakeneye ko ubayagira kugira ngo bumve ingene bogufasha.
12 Gukorana mu ndimiro n’abakirisu bagenzi bacu, ni bumwe mu buryo bwiza butuma turonka abagenzi. Umwe Carol twavuga, agira ati: “Gukorana n’abadada mu ndimiro be no mu bindi bikorwa bijanye n’ivy’impwemu, vyaratumye ndonka abagenzi beza benshi. Yehova yagiye aramfasha mu myaka n’iyindi biciye kuri abo bagenzi.” Kugiranira ubugenzi n’abakirisu b’abizigirwa, ni ngirakamaro. Yehova arakoresha abagenzi nk’abo kugira ngo agufashe igihe wacitse intege, nk’akarorero iyo ufise irungu.—Imig. 17:17.
it-2 851 ing. 7
Ubukerebutsi
Ubukerebutsi buva ku Mana. Ubukerebutsi mu nsobanuro yabwo yuzuye tubusanga muri Yehova Imana, “umwe wenyene afise ubukerebutsi” muri ubwo buryo nyene. (Rm 16:27; Ivy 7:12) Kugira ubumenyi ni ugutahura ibintu, kandi kubera ko Yehova ari Umuremyi, uwo «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera» (Zb 90:1, 2), arazi ibintu vyose bibaho kw’isi no mw’ijuru, ibibigize n’ibibirimwo, kahise kavyo gushika uyu musi. Amategeko agenga ibiriho, inzinguzingu, hamwe n’amategeko abantu bisunga mu kugira ubushakashatsi no mu gukora ibintu bishasha, batayafise bakaba ata co boshikako canke ngo baronke ico bafatirako mu gukora ibintu, vyose ni ivyo Imana yashizeho. (Yb 38:34-38; Zb 104:24; Img 3:19; Yr 10:12, 13) Birumvikana rero ko amategeko yayo agenga inyifato runtu arushirije kuba ngirakamaro kugira abantu babeho neza, babona ibintu mu buryo bwiza, kandi baroraniwe mu buzima. (Gus 32:4-6; nurabe JÉHOVAH [Un Dieu qui a des normes morales].) Nta kintu na kimwe adatahura. (Yes 40:13, 14) Naho ashobora kureka ibintu binyuranye n’ingingo ngenderwako ziwe zigororotse bikaba, mbere akaba arabiretse bikabandanya, amaherezo kazoza kavyo ni we akifitiye mu minwe kandi bitegerezwa kugenda neza na neza nk’uko agomba, kandi ivyo yavuze “bizororanirwa ata kabuza.”—Yes 55:8-11; 46:9-11.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Guseruranira akari ku mutima n’abana b’imiyabaga
▪ ‘Noba ntahura neza ivyihishije inyuma y’ivyo avuga?’ Muri Yobu 12:11 hagira hati: “Mbeg’ugutwi si kwo gutondanuza amajambo, nk’ukw akanwa kumviriza ivyo kurya?” Ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose, urakeneye “gutondanuza,” mu yindi mvugo kwumviriza ivyo umukobwa wawe canke umuhungu wawe avuga. Akenshi abana b’imiyabaga babona ko bavuga vyo. Nk’akarorero, umuhungu wawe canke umukobwa wawe yoshobora kuvuga ati: “Wama umfata nk’umwana!”, canke ati: “Ntiwigera unyumviriza!” Aho guca ufata ayo majambo “wama” na “ntiwigera” nk’uko nyene ari, nutahure ko uwo mwana wawe ashobora kuba atari ivyo ashaka kuvuga. Nk’akarorero, avuze ngo “Wama umfata nk’umwana,” ashobora kuba agomba kuvuga ngo “Nibaza ko utanyizigira.” Canke akavuga ngo “Ntiwigera unyumviriza,” mugabo ashaka kuvuga ngo “Nipfuza kukubwira ukuntu niyumva vy’ukuri.” Nugerageze gutahura neza ivyihishije inyuma y’ayo majambo.