ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/3 rup. 22
  • “Uzoba ushashaye”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Uzoba ushashaye”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • “Niwizigire Yehova”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yobu yari nde?
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/3 rup. 22

Niwiyegereze Imana

“Uzoba ushashaye”

BIRABABAZA kubona uwawe amererwa nabi hanyuma agapfa. Iyo tubuze uwacu, turagira intuntu kandi ivyo ni ibisanzwe. Ariko rero birahumuriza kumenya yuko Umuremyi wacu Yehova Imana atahura intuntu tugira. N’ikiruta ivyo, arashashaye gukoresha ububasha bwiwe ntangere kugira asubize ubuzima abapfuye. Raba icizigiro dusanga mu majambo ya Yobu ari muri Yobu 14:13-15.

Rimbura ukuntu ibintu vyifashe. Yobu, umugabo w’ukwizera kudasanzwe, arashikirwa n’ibigeragezo bikomeye, muri ivyo hakaba harimwo ugutakaza ivyo atunze, ukubura abana biwe yikundira bose be n’ukurwara indwara ibabaza. Igihe arembejwe n’amarushwa, aratakambira Imana ati: “Iyaba wompishije mu kuzimu!” (Umurongo wa 13) Yobu abona yuko agiye mu kuzimu yoba yiruhukiye. Yibereye aho mu kuzimu, ameze nk’itunga Imana yanyegeje, nta ngorane canke umubabaro azoba afise.a

Yobu yoba none azoguma mu kuzimu? Oya, ivyo si vyo Yobu yizera. Ashishikara isengesho ryiwe ati: ‘Iyaba wonshingiye igihe ugaheza ukanyibuka!’ Yobu arizigira adakeka yuko azomara igihe kanaka gusa mu kuzimu be n’uko Yehova atazomwibagira. Ico gihe Yobu azomara mu kuzimu akigereranya n’“igikorwa . . . c’umuruho,” canke c’agahato, kuko ari ikiringo azobwirizwa kumara arindiriye. None azorindira gushika ryari? Avuga ati: “Gushika ugutabarwa kwanje kuje.” (Umurongo wa 14) Ukwo gutabarwa gusobanura ugukurwa mu kuzimu, ni ukuvuga ukuzurwa mu bapfuye!

Ni igiki gikura amazinda Yobu yuko azotabarwa? Ni uko azi ukuntu Umuremyi wacu yuzuye urukundo yiyumva ku bijanye n’abasavyi biwe b’abizigirwa bapfuye. Yobu avuga ati: “Uzohamagara, nanje nzokwitaba. Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.” (Umurongo wa 15) Yobu aremera ko we ubwiwe ari igikorwa c’amaboko y’Imana. Uwo Mutanzi w’ubuzima yatumye Yobu akurira mu nda ya nyina, nta gukeka ko ashoboye kumusubiza ubuzima amaze gupfa.​—Yobu 10:8, 9; 31:15.

Ayo majambo ya Yobu aratwigisha iki kintu gikora ku mutima ku bijanye na Yehova: Aragiranira ubucuti budasanzwe n’abo bose bemera kuja mu maboko yiwe, nka kurya kwa Yobu, bakareka Yehova akababumbabumba akabagira abantu bamuhimbara. (Yesaya 64:8) Yehova araha agaciro abasavyi biwe b’abizigirwa. ‘Arashashaye’ kuzura abasavyi biwe b’intahemuka bapfuye. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “gushashara,” incabwenge imwe y’ivya Bibiliya ivuga yuko “vy’ukuri ari rimwe mu majambo akomeye kuruta ayandi aserura ukwumva wipfuza cane ikintu.” Egome, Yehova ntiyibuka gusa abasavyi biwe, ariko kandi arashashaye gutuma basubira kuba bazima.

Birashimishije kubona Yehova yarashimye guhishura umugambi afise wo kuzura abapfuye, akawuhishura mu gitabu ca Yobu, kino akaba ari kimwe mu bitabu vya Bibiliya vyanditswe imbere y’ibindi.b Yipfuza ko usubira kubonana n’abawe bapfuye. Kumenya ico kintu birashobora gutuma bikworohera kwihanganira ukubura uwawe. Ubona gute urondeye kumenya n’ibindi ku bijanye n’iyo Mana yuzuye urukundo be n’ingene woyireka ikakubumbabumba ukaba umuntu abereye kuzobona iranguka ry’umugambi wayo?

Aho turemeshejwe gusoma muri Ntwarante:

◼ Esiteri 1-10–Yobu 1-15

[Utujambo tw’epfo]

a Igitabu kimwe kivuga yuko iryo jambo Yobu avuga ngo ‘mpisha’ rishobora gusobanura ngo “[n]shira ahantu hatagira inkomanzi nk’imbitso y’agaciro.” Ikindi gitabu kivuga yuko iryo jambo rishaka kuvuga ngo “mpisha nk’uwuhisha itunga.”

b Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’umuhango Bibiliya itanga wo kuzukira kubaho mw’isi nshasha igororotse, raba ikigabane ca 7 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika