ICIGWA CA 50
Yehova atabara Yehoshafati
Yehoshafati umwami w’Ubuyuda yarakuye mu gihugu ibicaniro vya Bayali be n’ibigirwamana. Yashaka ko abantu bamenya amategeko ya Yehova. Ku bw’ivyo, yaciye arungika abatware n’Abalewi mu gihugu cose ngo baje kwigisha abantu amategeko ya Yehova.
Abami b’ibihugu vyari hafi y’Ubuyuda baratinya gutera Ubuyuda kubera bari bazi ko Yehova yari ashigikiye abantu biwe. Barazanira n’ibintu umwami Yehoshafati. Ariko Abanyamowabu, Abamoni be n’abo mu karere ka Seyiri baraje gutera Ubuyuda. Yehoshafati yari azi ko atobatsinda adafashijwe na Yehova. Yaciye ategeka ko abantu bose baza i Yeruzalemu, ni ukuvuga abagabo, abagore n’abana. Ahagaze imbere y’abo bantu bose, yasenze ati: ‘Yehova, utadufashije ntidushobora gutsinda. Turagusavye utubwire ico twokora.’
Yehova yabishuye ati: ‘Ntimugire ubwoba. Nzobafasha. Muraja ahazobera intambara, mwihagararire, muheze murabe ingene ndabarokora.’ None Yehova yabarokoye gute?
Bukeye, Yehoshafati yaratoye abaririmvyi, ababwira ngo bagendere imbere y’abasoda. Baciye bava i Yeruzalemu baja i Tekowa, aho bari kurwanira.
Igihe abaririmvyi batangura kuririmbira Yehova n’ijwi rirenga, Yehova yaciye atera umuvurungano mu Bamoni n’Abanyamowabu. Baciye batangura kwicana ku buryo ata n’umwe asigara. Ariko Yehova yarakingiye abanyagihugu bo mu Buyuda, abasoda n’abaherezi. Abantu bo mu bihugu vyose vyari bibakikuje barumvise ivyo Yehova yari yakoze, baca baramenya ko Yehova yari akirwanira abasavyi biwe. None Yehova arokora gute abasavyi biwe? Abigira mu buryo bwinshi, kandi ntakenera ko abantu barinda kumufasha.
«Ntimuzorinda kurwana. Muze muje mu kibanza canyu, mwihagararire gusa maze mwirabire ingene Yehova abakiza.»—2 Ngoma 20:17