Intangamarara y’igihimba ca 10
Yehova ni we Mwami w’ibiriho vyose. Yamye yifatiye ibintu mu minwe, kandi bizokwama gutyo. Nk’akarorero, yarakuye Yeremiya mu kinogo yari guhava apfiramwo. Yarakuye Shadrake, Meshake na Abedinego mw’ifuru y’umuriro, Daniyeli na we amukura mu kanwa k’intambwe. Yehova yarakingiye Esiteri kugira ashobore gukiza ihanga ryabo. Ntazoreka ngo ubukozi bw’ikibi bubandanye. Ubuhanuzi bwerekeye ca gishusho kinini na ca giti amahero, buremeza ko Ubwami bwa Yehova bugiye gukuraho ubukozi bw’ikibi maze butegeke isi.