ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeruzalemu iturirwa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
    • Yeruzalemu n’urusengero biriko birasha

      ICIGWA CA 58

      Yeruzalemu iturirwa

      Abantu bo mu Buyuda baguma baheba Yehova bagasenga ibigirwamana. Yehova yaramaze imyaka myinshi agerageza kubafasha. Yararungitse abahanuzi benshi ngo babahanure, ariko ntibabumvirije. Ahubwo baca babatwenga. None Yehova yahagaritse gute ukwo gusenga ibigirwamana?

      Nebukadinezari umwami wa Babiloni yaguma atsinda ibihugu vyinshi. Igihe yatsinda Yeruzalemu ku ncuro ya mbere, yarafashe umwami Yehoyakini, abatware, abasoda hamwe n’abacura ibirwanisho, abajana i Babiloni. Yaratwaye kandi ibintu vyose vy’agaciro vyari mu rusengero rwa Yehova. Yaciye yimika Zedekiya ngo abe umwami w’Ubuyuda.

      Mu ntango, Zedekiya yaragamburukira Nebukadinezari. Ariko abahanuzi b’ikinyoma n’abantu bo mu bihugu vyari bikikuje Ubuyuda, bamuhanuye ngo agararize umwami wa Babiloni. Yeremiya yamubwiye ati: ‘Niwagarariza, mu Buyuda hazoba ubwicanyi, inzara n’indwara.’

      Zedekiya amaze imyaka umunani aganza, yaragararije Babiloni. Yaciye asaba abasoda ba Misiri ngo bamufashe. Nebukadinezari yararungitse abasoda biwe gutera Yeruzalemu, maze barugariza ico gisagara. Yeremiya yabwiye Zedekiya ati: ‘Yehova avuze ko niwishikana ku Banyababiloni, wewe n’iki gisagara ata co muzoba. Ariko nutishikana, Abanyababiloni bazoturira Yeruzalemu, nawe bagutware kugupfunga.’ Zedekiya yamubwiye ati: ‘Sinzokwishikana!’

      Haciye umwaka n’igice, Abanyababiloni barabomoye impome za Yeruzalemu maze barahaturira. Baraturiye urusengero, barica abantu benshi, abandi ibihumbi na bo babatwara kubapfungira i Babiloni.

      Zedekiya yaragerageje guhunga, ariko Abanyababiloni baramukurikiye. Bamufashe ageze hafi y’i Yeriko, baca bamuzanira umwami Nebukadinezari. Uwo mwami yaciye yica abana ba Zedekiya, Zedekiya abona. Yaranogoye amaso Zedekiya, aca amuta mu gasho, aho yahavuye apfira. Ariko Yehova yasezeraniye abantu bo mu Buyuda ati: ‘Inyuma y’imyaka 70 nzobagarukana i Yeruzalemu.’

      None ni ibiki vyashikiye bamwe mu basore batwawe i Babiloni? Boba bagumye bagamburukira Yehova?

      «Yehova Mana Mushoboravyose, imanza zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse.»​—Ivyahishuwe 16:7

      Ibibazo: Nebukadinezari yari nde? Ni ibiki yakoreye igisagara ca Yeruzalemu? Zedekiya yari nde?

      2 Abami 24:1, 2, 8-20; 25:1-24; 2 Ngoma 36:6-21; Yeremiya 27:12-14; 29:10, 11; 38:14-23; 39:1-9; Ezekiyeli 21:27

  • Abahungu bagamburukiye Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
    • Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya banka kurya ku bifungurwa vy’umwami

      ICIGWA CA 59

      Abahungu bagamburukiye Yehova

      Igihe Nebukadinezari yajana i Babiloni abaganwa bo mu Buyuda, yaciye abazeza umukozi wo ku kirimba yitwa Ashipenazi. Nebukadinezari yabwiye Ashipenazi ngo arondere muri bo abahungu bafise amagara meza kandi baciye ubwenge kuruta abandi. Abo bahungu bari kumara imyaka itatu bariko barigishwa. Ivyo vyari gutuma baba abategetsi bakomeye i Babiloni. Bari kwigishwa gusoma ururimi rw’i Babiloni, kurwandika no kuruvuga. Bari gufungura ku vyokurya vy’umwami. Bane muri bo bari Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya. Ashipenazi yaciye abaha amazina y’Abanyababiloni ari yo Beluteshazari, Shadrake, Meshake na Abedinego. None iyo nyigisho yoba yari gutuma bareka gukorera Yehova?

      Abo basore bari biyemeje kuguma bagamburukira Yehova. Bari bazi ko badakwiye kurya ku bifungurwa vy’umwami kuko bimwebimwe muri vyo vyari bihumanye hisunzwe amategeko ya Yehova. Babwiye Ashipenazi bati: ‘Turagusavye ntutugaburire ku vyokurya vy’umwami.’ Ashipenazi yabishuye ati: ‘Mutabiriye umwami akabona umengo muragwaye, yoca anyica!’

      Daniyeli yaciye atora umugambi. Yabwiye uwari abajejwe ati: ‘Nutugaburire indya z’insoromano n’amazi mu misi cumi, hama uzoce utugereranya n’abandi bana barya ku bifungurwa vy’umwami.’ Uwo muntu yaravyemeye.

      Inyuma y’iyo misi cumi, Daniyeli na bagenziwe batatu bari bafise amagara meza kuruta abo bandi bana. Yehova yaranezerewe kubera ko bamugamburukiye. Mbere yarahaye Daniyeli ubwenge bwo gusobanura indoto.

      Igihe co kwigishwa kirangiye, Ashipenazi yarajanye abo basore imbere ya Nebukadinezari. Umwami yaravuganye na bo, asanga Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya ni bo baciye ubwenge kurusha abandi. Uko ari bane, yaciye abatora ngo bakorere i bwami. Umwami yarabasaba impanuro ku bintu bihambaye. Yehova yari yarabahaye ubwenge kurusha abandi banyabwenge bose b’umwami n’abapfumu biwe.

      Naho Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya bari mu kindi gihugu, ntibigeze bibagira ko Yehova ari we Mana yabo. Woba nawe uzoguma wibuka Yehova n’igihe utazoba uri kumwe n’abavyeyi bawe?

      «Ntihagire n’umwe agaya ubuto bwawe. Ahubwo nubere abizigirwa akarorero mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura.»​—1 Timoteyo 4:12

      Ibibazo: Kubera iki Daniyeli na bagenziwe bagumye bagamburukira Yehova? Yehova yabafashije gute?

      Daniyeli 1:1-21

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika